Gutangura Neza (Beginning Rightly)

Igice Ca Kabiri (Chapter Two)

 

Mu mvugo ya Bibiliya, umwigishwa ni umuntu yizera Umwami Yesu Kristo, aguma mw’Ijambo Ryiwe rikamubohora ku caha. Umwigishwa yimenyereza kwitondera amabwirizwa yose ya Kristo, akunda Yesu kuruta umuryango wiwe, ibimunezereza vyose, ubutunzi bwiwe akagaragaza urwo rukundo mu buzima bwiwe bwa misi yose. Abigishwa nyakuri ba Yesu urukundo bakunda abandi rugaragazwa n’ivyo babakorera. Bama ivyamwa.[1]

Abo ni bo Bantu Yesu akeneye.

Nta nkeka uteri umwigishwa wiwe ntushobora kugira abigishwa. Dutegerezwa kuba abigishwa Biwe imbere yo kwiyumvira kugira abigishwa. Igihe abakozi benshi bashizwe ku munzane upima abigishwa ba Yesu ntibakwiza ivyangombwa. Abo bakozi ntiba-shobora kugira abigishwa, ntibashobora no kugerageza. Ntibarahitamwo gukurikira Yesu Kristo no kwihanganira imibabaro iri mu gikorwa co kugira abigishwa.

Mfatiye kur’ivyo, ndashobora kuvuga kw’abakozi bitaho kwiga no kwitondera ivyagezwe vya Yesu ari bo bigishwa Biwe. Utari we, ntubandanye gusoma iki gitabo. Hitamwo kuba umwigishwa Wiwe ubone kubandanya. Pfukama wihane! Imana iraguharira ikugire ikiremwa gishasha muri Kristo kuko yuzuye ubuntu!

Gusubiramwo Insobanuro ya Kugira Abigishwa (Redefining Discipleship)

N’aho Yesu yatanze insobanuro nziza y’umwigishwa, har’abantu bayisubirije iyabo. Akarorero, kuri bamwe ijambo umwigishwa ni umuntu wese yiyita canke yitwa umukristo. Kuri bo, ijambo umwigishwa ntirigifise insobanuro ya Bibiliya.

Ku bandi, igikorwa co kugira abigishwa si nkenerwa cane kuko n’ah’umuntu atogira abigishwa cank’abe umwigishwa arashobora kuja mw’ijuru. Biyumvirako umuntu ashobora kwizera Yesu ntabe umwigishwa Wiwe! Kubera yukw’ibiranga umwigishwa biri mu vyanditswe kandi badashobora kuvyirengagiza, baca bigisha ko hari ubwoko bubiri bw’abakristo—abizera, bizera Yesu, n’abigishwa, abizera bahisemwo Yesu. Kubera iyo nsobanuro, har’abantu benshi bavuga kw’abizera ari benshi arikw’abigishwa ni bake, ngw’ariko bompi baja mw’ijuru rimwe.

Izo nyigisho zihindura ubusa amategeko ya Yesu yo kugira abigishwa. Kubera yuk’ umwigishwa ar’umuntu ategerezwa kwiyanka no kwihanganira imibabaro, nimba kuba umwigishwa atari nkenerwa cane ni co gituma abantu benshi bahisemwo kutaba abigishwa kuko babwiwe ko bazoja mw’ijuru n’aho banes kuba abigishwa ba Yesu.

Ehe ibibazo nkora mutima dutegerezwa kwibaza: Mbega ivyanditswe vyigisha ko umukristo ashobora kuja mw’ijuru n’aho yanse kuba umwigishwa wa Yesu Kristo? Mbega kugira abigishwa bikorwa n’umukristo avyiyumvamwo gusa? Mbega none har’ubwoko bubiri bw’abakristo muri Bibiliya, abizera n’abigishwa?

Inyishu y’ivyo bibazo vyose ni Oya. Nta na hamwe Isezerano Rishasha ryigisha ko har’ubwoko bubiri bw’abakristo, abizera n’abigishwa. Usomye Ivyakozwe n’Intumwa usanga ibice vyose bivuga ku bigishwa, abo rero s’abihebeye Yesu kuruta abandi bizera. Umuntu wese yizeye Yesu ni umwigishwa.

[2]

Kanatsinda, “ abigishwa batanguye kwitwa Abakristo muri Antiyokiya” (Ivyakozwe n’intumwa 11:26, hashimikiwe ku nsobanuro).

Biratangaje kubona ijambo ry’Ikigiriki ryasobanuwe umwigishwa (mathetes) turisanga mw’Isezerano Rishasha incuro 261, arikw’ijambo ry’Ikigiriki ryasobanuwe uwizera (pistos) turisangamwo incuro icenda gusa (ryasobanuwe uwizera muri Bibiliya y’Icongereza yitwa New American Standard version). Ijambo ry’Ikigiriki ryasobanuwe Umukristo (Christianos) turisangamwo incuro zitatu gusa. Ivyo bimenyetso birahagije gutahuza uwubishaka ko mw’ishengero rya mbere abiziye Yesu bose bitwa abigishwa biwe.

Insobanuro Ya Yesu (Jesus’ Commentary)

Yesu ntiyabonako kuba umwigishwa ar’ukwijandajandira, intambuko ifatwa n’abizera bavyshakira gusa. Ibisabwa vyiwe bitatu mu gikorwa co kugira abigishwa dusoma muri Luka 14 ntivyavugwa nk’ubutumire k’ubizera bashaka kuba mu muryango w’abihebeye Imana kuruta abandi. Ariko, amajambo yiwe yabwirwa umwe wese mu bari bamukikuje. Kugira abigishwa ni intambuko ya mbere mu kugiranira imigenderanire n’Imana. Mbere , tubisoma muri Yohana 8:

Amaze kuvuga ivyo, benshi baza kuri We baramwizera. Yesu yariko abwira abo bayuda bamwizeye , “Nimwaguma mu majambo Yanje, muzoba abigishwa banje; kandi muzomenya ukuri nakwo kuzobaha kwidegemvya” (Yohana 8:30-32).

Nta munyabwenge n’umwe ashobora guhakana ko Yesu atarikw’avugana n’abizera igihe yavuga ivyo kuba abigishwa Biwe. Yesu ntiyababwiye ngo, “Umusi umwe muri kazoza murashobora kuzohitamwo gufata intambuko ya kabiri y’ubukristo, mu kanyihebera, ni ho muzoba abigishwa Banje.” Oya, Yesu yavugana n’abizera bashasha nk’abigishwa, kukw’amajambo uwizera na umwugishwa yitiranwa. Yabwiye abo bizera bashasha kw’icemeza kw’ari abigishwa Biwe ni kuguma mw’Ijambo Ryiwe rituma babohoka ku caha (raba 8:34-36).

Yesu yaraziko har’abantu bavuga ko bafise ukwizera kandi batizera n’intete. Yar’arazi kandi kw’abizerako ar’Umwana w’Imana bazobigendera—kuko babaye abigishwa Biwe—bazomwumvira no kumuhimbaza. Abo bizera/bigishwa bazoguma mw’ijambo ryiwe ukuri kwamye, bazorihundira insago zabo. Bazotahura ubugombe bwiwe uko bashishikara biga amategeko yiwe, bazogenda nk’ababohowe ku caha uko bukeye uko bwije.

Ni co gituma Yesu yabwiye abo bizera bashasha kwisuzuma. Ijambo, “Nimba muri abigishwa Banje koko” ryerekana ko bishoboka ntibabe abigishwa bukuri kuko bashobora kuvyiyitirira gusa. Uko ni ukwihenda. Bipimye ku munzane wa Yesu barashobora kumenya kw’ari abigishwa biwe koko. (Yesu yiketseko baturisha akanywa gusa,Yohana 8:37-59.)

[3]

 

Umurongo ngenderwako wacu, Matayo 28:18-20, urahaka ico ciyumviro gitandukanya abakristo n’abigishwa. Mur’iryo Tegeko Rikuru Yesu yategetsekw’abigishwa babatizwa. Igitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa cerekana kw’intumwa zitarindiriza abizera bashasha ngo babatizwe igihe bazoshika ku “ntambuko ya kabiri yo kwihebera Kristo”. Ahubwo, abizera babatizwa buno nyene bizeye bagahitamwo kwihana.

N’uko rero, abiyumvirakw’abigishwa bihebera Imana kuruta abakristo basanzwe, teologiya yabo yarabayobeje. Abo nyene usanga babatiza uwihanye Yesu. Ni kuki batabari-ndiriza gushika aho bahitamwo “kugira abigishwa.” Iyo baba bizera ivyo bigisha, bobatiza gusa uwuhisemwo kugira abigishwa, si ko babigenza kukw’abayoboke bobaye imparurwa.

Ngira iyi nkebuzo irahagije ngw’abantu bazibukire izo nyigisho z’abadayimoni. Nimba abigishwa batandukanye n’abizera, Yohana ntiyari kwandika yuko gukunda bene Data biranga abizera bavutse ubwa kabiri (raba 1 Yohana 3:14), kuko na Yesu yemejeko gukunda bene Data ari ikimenyetso c’abigishwa Biwe nyakuri (Yohana 13:35)?

Inkomoko y’iyi Nyigisho y’Ibinyoma (The Origin of this False Doctrine)

Ni kuki iki ciyumviro c’ubwoko bubiri bw’abakristo, abizera n’abigishwa, gihurumbirwa kandi kitari mu vyanditswe? Inyishu ni uko izo nyigisho zishigikiwe cane n’iyindi nyigisho y’ibinyoma ku bijanye n’agakiza. Iyo nyigisho ivuga kw’ibisabwa mu gikorwa co kugira abigishwa ata sano bifitaniye n’agakiza kukw’ari ku buntu. Dufatiye ngaho, indunduro yabo yerekanakw’ibisabwa uwugomba kuba umwigishwa bitandukanye n’ibisabwa uwugomba gukizwa. Ni ho bavugako uwizera ashobora kuba umwigisha canke akanka kand’apfuye akazoja mw mw’ijuru kuko yakijijwe ku buntu.

Agasembwa kari mur’ico ciyumviro ni ukw’ivyanditswe vyinshi bikirwanya. Mbega, nk’akarorero, har’iyindi nsobanuro twotanga iruta iyo Yesu yavuze mu gusozera ubutumwa Bwiwe bwo ku musozi, amaze kudondagura amategeko Atari make?

S’abamvumera ngo, “Mwami, Mwami,” bazobona ubwami bwo mw’ijuru; ariko abakora ubugombe bwa Data ari mw’ijuru” (Mat. 7:21).

Aha no mu yandi majambo, Yesu yafatanije ukwumvira n’agakiza. Mbega dushobora kuronka ivyanditswe bifatanijwe nk’ibi muri Bibiliya kand’agakiza ari ku buntu? Ego cane. Imana, mu buntu Bwayo butangaje, irikw’iha umuntu wese akaryo ko kwihana, kwizera, no kuvuka ubwa kabiri, gushobozwa kubaho yumvira Mpwemu Yera. Koko agakiza ni ku buntu. Ata buntu bw’Imana, nta n’umwe yokijijwe, kuko bose bakoze icaha. Abanyavyaha nta gakiza bakwiriye kuronka. Ni co gituma bakeneye ubuntu bw’Imana ngo bakizwe.

Ubuntu bw’Imana budushikana ku gakiza bugaragarizwa mu buryo bwinshi. Buhishurwa mu rupfu rwa Yesu ku musaraba, Imana iduhamagara icishirije mu butumwa bwiza, ikadukwegera kuri Kristo mu kutwemeza icaha cacu, ikaduha akaryo ko kwihana, ikadusubizamwo intege itwuzuza Mpwemu Yera, isangangura ububasha bw’icaha mu bugingo bwacu, ikadushoboza kugendera mu kwezwa, ikadukangira igihe ducumuye, n’ibindi. Nta mugisha n’umwe mur’iyo twakoreye. Dukizwa ku buntu.

Ivyanditswe bivuga kw’agakiza, atari ku “buntu”gusa, no “mu nzira yo kwizera”: “Kuko mwakijijwe ku buntu biciye mu kwizera” (Efeso 2:8a, hashimikiwe ku nsobanuro). Vyompi ni kirumara. Biragaragara ko bidatandukanye na gato. Ugomba gukizwa, ukeneye ubuntu no kwizera. Imana itanga ubuntu Bwayo, natwe tukabwakira mu kwizera. Ukwizera nya kuri, nta nkeka, kuva mu kwubaha amabwirizwa y’Imana. Nk’uko Yakobo yabivuze mu gice ca kabiri c’icete yanditse, ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye, ntaco kumaze, kandi ntigushobora gukiza (raba Yakobo 2:14-26).

[4]

 

Umve rero, nta ho ubuntu bw’Imana bwigeze kuba icitwazo co gukora icaha. Ahubwo, bwahaye abantu akaryo ngo bihane bavuke ubwa kabiri. Inyuma y’urupfu, ntushobora kwihana no kuvuka ubwa kabiri kuk’ubuntu bw’Imana butazoba bukiriho. Ni co gituma Ubuntu bwawe bukiza ar’ubw’igihe gito.

Umugore Yesu Yakijije ku Buntu Biciye mu Kwizera

(A Woman Whom Jesus Saved by Grace Through Faith)

Ishusho ryiza ry’agakiza ku buntu biciye mu kwizera riri mu nkuru ya Yesu n’umugore yafashwe asambana. Yesu aramubwira, ati “Nanje nta rubanza ndaguciriye [Ubwo nibwo buntu, kuko yar’akwiriye igihano] taha; uhereye none ntusubire gucumura ukundi” (Yohana 8:11, hashimikiwe ku nsobanuro). Naho yar’ akwiriye gupfa, Yesu yaramuretse arataha. Amurungika amugabishije: Uhereye none ntusubire gucumura. Ni ko Yesu abwira umunya-vyaha wese kw’isi—”Nanje ntarubanza ndaguciriye. Wategerezwa gupfa no gucirwa urubanza rw’umuriro udashira ariko ndakugiriye ubuntu. N’aho bimeze gurtyo, Ubuntu Bwanje n’ubw’akanya gato ni wihane. Ntusubire gucumura ubuntu bwanje butarashira ngo wisange uhagaze imbere y’intebe yanje icirwe urugutsinda.”

Twizere ko wa musambanyikazi yihanye nk’uko Yesu yamubwiye. Nimba yarabikoze, tuvugako yakijijwe ku buntu biciye mu kwizera. Yakijijwe ku buntu kukw’atashobora kw’ikiza ivyaha vyiwe. Ntashobora kuvuga kw’ibikorwa vyiwe ari vyo vyamuhaye agakiza. Kandi yakijijwe n’ukwizera kuko yizeye Yesu yizera n’ico amubwiye, afata nka nkama impanuro ziwe ava mu vyaha hatararengerana kw’abivamwo. Uwufise ukwizera kuzima muri Yesu arihana, Yesu yavuzekw’abantu bazohona bose ni batihana (raba Luka 13:3). Yesu yavuze kw’abakora ubugombe bwa Data gusa ari bo bazokwinjira mw’ijuru (Mat. 7:21). Iy’umuntu yizeye Yesu, yizera no kwemera impanuro Ziwe.

Reka rero twiyumvire ko wa musambanyikazi yanse kwihana icaha ciwe. Apfa agikora ivyaha ahagarara imbere y’intebe ya Yesu ngw’acirwe urubanza. Ca wiyumvira abwira Yesu ati, “Ewe Yesu! Gusubira kukubona bimbereye vyiza! Ndibuka ingene utanciriye urunyica ca gihe banzana kuri wewe nkiri kw’isi. Ndazi neza ko ucuzuye za mbabazi. N’ubu nta rubanza uncira ndabizi!”

Har’ico wumva? Mbega Yesu yamwakira mw’ijuru? Inyishu irazwi. Paulo, ati “Ntimwi-hende; ntagihumanye…nta basambanyi…bazokwinjira ubwami bw’Imana” (1 Kor. 6:9-10).

Ibi vyose vyemeza kw’ata tandukaniro riri hagati y’amabwirizwa yo kugira abigishwa n’amabwirizwa y’ukwizera Yesu, ukwo ni ko kwizera gukiza. Uwufise ukwizera gukiza wese yakijijwe ku buntu biciye mu kwizera. Nta kibanza wokwihishamwo muri Bibiliya uvugekw’amategeko ya Yesu yo kugira abigishwa atandukanye n’amategeko yo gukizwa kukw’agakiza ari ku buntu. Kugira abigishwa si intambuko ya kabiri abaja mw’ijuru bashobora gufata canke kureka, kugira abigishwa ni ikimenyetso c’ukwizera nya kuri.

[5]

 

Ni co gituma, kugira aroranirwe mu nyonga z’Imana, umukozi ategerezwa gutangura neza igikorwa co kugira abigishwa mu kwigisha ubutumwa bwiza ahamagarira abantu kwizera no kwumvira. Igihe abakozi bigisha ko kuba umwigishwa ari intambuko ya kabiri umukristo ashobora kugira canke ntagire, baba bariko barwanya inyigisho ya Yesu yo kugira abigishwa kandi baba bariko bamamaza ubuntu n’ubutumwa bw’ibinyoma. Abigishwa ba Yesu b’ukuri bagira ukwizera kuzobashikana mw’ijuru kuko Yesu yabisezeranye: “S’uwumvumera ngo, ‘Mwami, Mwami,’ azoja mu bwami bw’ijuru; ariko ni uwukora ubugombe bwa Data ari mw’ijuru” (Mat. 7:21).

Ubutumwa Bushasha Bw’Ibinyoma (The New False Gospel)

Kubera ugutahura nabi ubuntu bw’Imana buzana agakiza, ubutumwa bw’ibihe vya none ntibukigira ibikenewe dusanga muri Bibiliya kugezaho umuntu ashobora kwiyumvira k’ubutumwa bw’ubuntu butakivugwa neza. Ubutumwa bw’ibinyoma bwirundaniriza abakristo b’ibinyoma, ni co gituma “abizera” bashasha benshi bapfa gukizwa ntibasubire guhonyoza ikirenge cabo mw’ishengero ari ho “bacemera Ksto.” Abinjira mw’ishengero na bo ntushobora kubatandukanya n’ab’isi. Bafise ingeso n’ivyaha vy’ab’isi babakikuje. Bitumwa n’uko batarizera Umwami Yesu Kristo bavuke ubwa kabiri.

Ikintu nyamukuru cakuwe mu butumwa bw’ab’iki gihe ni ukwihana. Abakozi benshi biyumvirako kubwira abantu bahagarike gukora ivyaha (nk’uko Yesu yabibwiye wa mugore yafashwe asambana) ar’uguhakana ubuntu. Ntibatahura ko bigisha yukw’agakiza kazanwa n’ibikorwa. Yohana Umubatizi, Yesu, Petero na Paulo bavuzeko kwihana ari kirumara igihe umuntu ashaka gukizwa. Nimba Kwigisha kwihana ar’uguhakana agakiza kazanwa n’ubuntu, Yohana Umubatizi, Yesu, Petero na Paulo barahakanye ubuntu bw’Imana buzana agakiza. Uhubwo baramenyeko ubuntu bw’Imana butanga akaryo k’imfatakibanza ngw’abantu bihane ntibagendera mu caha ukundi.

Akarorero, igihe Yohana umubatizi yasemerera, ico Luka yita “ubutumwa,” yabwira abantu kwihana (raba Luka 3:1-18). Akabwira n’abatihanye ko bazoja i kuzimu (raba Mat. 3:10-12; Luka 3:17).

Yesu yigishije kwihana uhereye ku ntango y’igikorwa ciwe (raba Mat. 4:17). Yaraburiye abantu ko bazoherera i kuzimu shiti bihanye (rabaLuka 13:3, 5).

Igihe Yesu yarungika abigishwa biwe cumi na babiri mu bisagara bitandukanye, “Bagenda bigisha abantu kwihana” (Mariko 6:12, hashimikiwe ku nsobanuro).

Amaze kuzuka, Yesu abwira bamwe cumi na babiri kujana ubutumwa bwo kwihana mw’isi yose kukw’ari rwo rufunguzo rwakinguriye imbabazi umuryango:

Maze arababwira, “Ni ko vyanditswe yuko Kristo akwiye kubabazwa no kuzuka mu bapfuye ku musi ugira gatatu; kandi yuk’ ukwihana no guharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw’izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu” (Luka 24:46-47, hashimikiwe ku nsobanuro).

Intumwa zaritondeye inyigisho za Yesu. Igihe Petero yabwiriza ku musi wa Pantekote, abamwumviriza bamaze kumenya wa Mugabo bamanika ku musaraba, babaza Petero ico bokora. Inyishu yiwe yabategeka kwihana imbere y’ibindi vyose (Raba Ivyakozwe 2:38).

Inyigisho ya kabiri Petero yatanze ku mugaragaro hari kw’ibaraza ryitwa irya Salomo. Yavuze kw’Ivyaha bidashobora kwibagirwa ata kwihana:

[6]

 

Mwihane muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe (Ivyakozwe n’intumwa 3:19a, hashimikiwe ku nsobanuro).

Igihe Paulo yashinga intahe imbere y’umwami Agiripa, ubutumwa bwiwe bwatumira abantu kwihana:

Nuko, mwami Agiripa, sinanka kwumvira uguhishurirwa ko mw’ijuru, ariko nabanje kubwira ab’I Damasiko hanyuma ab’I Yerusalemu, n’abo mu gihugu cose c’I Yudaya, n’abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye no kwihana (Ivyak. 26:19-20, hashimikiwe ku nsobanuro).

Muri Ateniya, Paulo yaburiye abamwumviriza k’umuntu wese azocirwa urubanza na Kristo kand’abanse kwihana ntibazo nezererwa uyo musi:

Nukw’iyo misi y’ubutamenya, Imana yarayirengagije ariko noneho igera kw’abantu bose bari hose bihana, kuko yashinze umusi wo gucirakw’isi yose amateka y’ukuri, izoyacisha Umuntu yatoranije, kandi yahaye bose ikimenyamenya c’ivyo, mu kumuzura imukuye mu bapfuye (Ivyak. 17:30-31, hashimikiwe ku nsobanuro).

Mu kurangiza igikorwa ciwe yabwiye abakuru bo muri Efeso ko kwihana bijana no kwizera nk’uko yamye avyemeza mu butumwa bwose yavuga:

Nta jambo ribereye nacishije i ruhande…nashinze intahe mu Bayuda no mu Bagiriki y’ukwihana mu nyonga z’Imana, n’ukwizera Umwami wacu Yesu Kristo (Ivyak. 20:20a, 21, hashimikiwe ku nsobanuro).

Ibi vyanditswe vyose vyemezakw’igihe ukwihana kutavuzwe, nta butumwa bwiza bwavuzwe. Kunywana n’Imana bizanwa n’ukwihana. Nta guharirwa ivyaha ata kwihana.

Gusobanura Gushasha Ukwihana (Repentance Redefined)

Naho tumaze kubona kw’agakiza kazanwa n’ukwihana mu vyanditswe bitandukanye, har’abakozi barondera inzira yo guhindura ubusa iyo nyigisho mu kwigisha ubuntu n’ubutumwa bw’ibinyoma. Bavugako ukwihana ari uguhindura uko wiyumvira ivya Yesu. Ivyo gusa ntibishobora guhindura ingeso z’umuntu.

Mbega ni kuki abavugabutumwa bo mw’Isezerano Rishasha batumira abantu kwihana? Boba bahamagarira abantu guhindura ivyiyumviro vyabo gusa ku vyerekeye Yesu, canke guhindura ingeso zabo?

Paulo yizera k’ukwihana nye zina guhindura ingeso. Twobonye intahe y’ivyo yakoze imyaka irenga cumi nk’uko yabivugiye imbere y’umwami Agiripa,

Nuko, mwami Agiripa, sinanka kwumvira ivyo neretswe biva mw’ijuru, ariko nabanje kubwira ab’i Damasiko hanyuma ab’i Yerusalemu, n’abo mu gihugu cose c’i Yudaya, n’abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye no kwihana (Ivyak. 26:19-20, hashimikiwe ku nsobanuro).

Yohana Umubatizi na we yizera ko kwihana Atari uguhindura ivyiyumviro gusa kuvyerekeye Imana. Bamaze kunyurwa, abamwumviriza baramubaza ico bokora, yaradondaguye ibintu vyinshi bijanye n’ihinduka ry’ingeso (raba Luka 3:3, 10-14). Yesu na we yarakankamiye Abafarisayo n’Abasadukayo kuko baboneka ko bihanye ku maso y’abantu gusa, arababwira k’umuriro w’i kuzimu ubarindiriye ni batihana vy’ukuri:

Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake buzoza? Nuko mwame imbuto zikwirinya n’ukwihana….Incabiti igenekerejwe ku bitsina vy’ibiti; n’uko rero igiti cose kitama ivyiza kiracibwa, kigatererwa mu muriro (Mat. 3:7-10, hashimikiwe ku nsobanuro).

Yesu yavuze ubutumwa bwo kwihana nka Yohana (raba Mat. 3:2; 4:17). Avuga ko Ninewi yihanye kubera ubutumwa bwa Nowa (raba Luka 11:32). Uwumaze gusoma igitabo ca Yona wese arazi kw’ab’i Ninewi batahinduye ivyiyumviro vyabo gusa. Bahinduye n’ibikorwa vyabo, bava mu caha. Yesu yavyise kwihana.

Kwihana kwa Bibiliya n’ihinduka ry’ingeso z’umuntu avyishakiye kuko yizeye mu mutima. Igihe umukozi avuga ubutumwa ntabwire abantu ko bategerezwa guhindura ingeso zabo kugira ngo berekane ko bihanye, aba arikw’ararwanya icipfuzo ca Yesu co kugira abigishwa. Ikirengeye, aba arikw’abesha abamwumviriza ababwira ko bashobora gukizwa batihanye, uwuvyizera akahahasigara. Uko ni ukurwana Imana ukorera Satani ubishaka canke utabishaka.

Umukozi w’Imana wese ategerezwa kugira abigishwa nk’uko Yesu yabitegetse, ategerezwa guhera ku rufatiro rwiza. Atavuze ubutumwa bwiza butuma abantu bihana no kwumvira, aba atsinzwe n’ah’abantu biyumvira kw’ar’agahambaye. Ashobora kugira ishengero rinini ariko usanga ryubatswe mu biti, ivyatsi cank’ibishakashaka. Ivyo bikorwa nivyaca mu muriro ni ho bizomenyekana. Bizotongorwa (raba 1 Kor. 3:12-15).

Akamo ka Yesu ko Kwishikana (Jesus’ Calls to Commitment)

Yesu ntagomba kw’abanyavyaha bava mu vyaha vyabo gusa, agombako bamwihebera, bamukurikira no kumwumvira. Ntatanga agakiza k’ibijandijandi, nk’abantu ntarinze kuvuga ngaha. Ntiyigeze abwira abantu “kumwemera”, baharirwe ivyaha hanyuma y’ivyo bace bamwumvira. Yavuze kw’intambuko ya mbere ari kumwiyegurira umitima wose.

Birababaje kubona abiyita abakristo bibagira ako kamo ko kumwiyegurira. Ni igihe bemeye ako kamo bagasobanura ukundi, bavugako bitabwirwa abanyavyaha, ngo bibwirwa abamaze gukizwa gusa. Ariko n’aho abo “bizera” biyitira ako kamo ntibaruha bubaha n’ivyo babisobanuye ubwabo. Mu mitima ntibashaka kumwumvira kuko batigeze bamwumvira kuva ku ntango.

Turabe bumwe mu butumire bw’agakiza ka Yesu basobanura nk’akamo ko kunywana na Yesu kitiriwe abakijijwe gusa:

Ahamagara ishengero bo n’abigishwa biwe, arababwira, “at’umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe ankurikire. Kuk’uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura; arik’uzoheba ubugingo bwiwe ku bwanje no kubw’ubutumwa bwiza, azobukiza. Kand’umuntu vyo mumarira iki kwunguka ivyo mw’isi vyose, n’iyakwa ubugingo bwiwe kw’iciru? Mbeg’umuntu yotanga iki ngw’acungure ubugingo bwiwe? Kuk’umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemere amajambo yanje mur’iki gihe c’ubusambanyi kandi c’ikinyavyaha, n’Umwana w’Imana bizomutera isoni kumwemera, ah’azozira afise ubwiza bwa Se, azananye n’abamarayika bera” (Mariko 8:34-38).

Mbeg’aka ni akamo ko gukizwa kw’abatizera canke n’ubutumire bwo kunywana n’Imana buhawe abizera? Tubisomye mu kuri, inyishu iragaragara.

Menya ko Yesu yariko abwira “ikoraniro ryari hamwe n’abigishwa Biwe” (akarongo ka 34, hashimikiwe ku nsobanuro). Biragaragara kw’iryo “koraniro” ritandukanye n’abigishwa Biwe. Ariko nk’uko tubibona, “yarabasavye” kwumviriza ivyo agomba kuvuga. Yesu yagomba k’umwe wese, mu bamukurikira n’abamurondera, atahura ukuri gukurikira. Ibuka ko yatunguye avuga, ati “Umuntu wese” (umurongo wa 34, hashimikiwe ku nsobanuro). Ayo majambo abwirwa umuntu wese.

Tubandanije gusoma, uwabwirwa na Yesu aragaragara. Ayo majambo Yiwe yabwirwa umuntu wese ashaka (1) “kumukurikira”, (2) “gucungura ubugingo bwiwe,” (3) adashaka “kwakwa ubugingo bwiwe kw’iciru,” no (4) kuba muri bamwe atazogirira isone kwemera ah’ “azozira mu bwiza bwa Se azananye n’abamarayika bera.” Ayo majambo yose ane yerekana ko Yesu yarikw’avuga ku bantu bagomba gukizwa. Mbega har’umuntu ashobora kuja mw’ijuru “adakurikira” Yesu “ntakize ubugingo bwiwe”? Mbega har’uwizera w’ukuri ashobora“kwakwa ubugingo bwiwe kw’iciru,” canke yoterwa isoni na Yesu n’amajambo Yiwe? Nta nkeka, Yesu yarikw’aravuga ku gakiza k’ibihe bidashira.

Menya ko rimwe ryose mur’ayo majambo agize iryo jambo rigizwe n’amungane atanu atanguzwa na “Kuko.” Ijambo ryose rirasobanura kandi rikunganira iririkurikira. Nta jambo na rimwe mur’iri ryungane ryosobanurwa hatisunzwe ayandi bikurikirana. Reka twige iryungane ku rindi.

Iryungane rya 1 (Sentence #1)

Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire (Mariko 8:34).

Menya ko Yesu yabwirwa uwushaka kumukurikira wese, uwushaka kuba ingendanyi Yiwe. Ni ko kunywana kwa mbere Yesu avuga—kuwushaka kumukurikira wese.

Abenshi bipfuza kumubera abagenzi batagomba kumukurikira, ivyo ntibishoboka. Yesu ntiyigeze yemera umugenzi yanka kumwumvira. Yarigeze kuvuga, ati “Mur’abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera” (Yohana 15:14).

Abenshi bipfuza kuba barumunawe batagomba kuba ingendanyi Ziwe, n’ivyo nyene ntibishoboka. Ntiyigeze yemera murumunawe n’umwe kiretsi uwemeye kumwumvira: “Kuk’umuntu akora ivyo Data wo mw’ijuru agomba ari we murumunanje” (Mat. 12:50, hashimikiwe ku nsobanuro).

Abandi bipfuza kuzosanga Yesu mw’ijuru kandi badashaka kumugendanira, Yesu yavuze kw’ico kintu kidashoboka. Abumvira ni bo babikiwe ijuru: “Umuntu wese amvumereza, ati ‘Mwami, Mwami,’ siwe azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atar’ukora ivyo Data wo mw’ijuru agomba” (Mat. 7:21).

Mu ryungane turiko turiga, Yesu yamenyesheje abagomba kumukurikira ko babanza kwiyanka. Bategerezwa gushira ivyipfuzo vyabo ku ruhande, bakabicisha bugufi musi y’ubugombe Bwiwe. Kwiyanka no guca bugufi ni yo ntango yo gukurikira Yesu. Ni ko “kwikorera umusaraba wawe.”

Iryungane rya 2 (Sentence #2)

Iryungane rya Yesu rya kabiri rirasobanura cane irya mbere:

Kuk’ugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura; arik’uzoheba ubugingo bwiwe ku bwanje no kubw’ubutumwa bwiza, azobukiza (Mariko 8:35).

N’iri ryungane ritanguzwa na “Kuko,” kandi ryunganira irya mbere. Yesu agereranya abantu babiri bavugwa mu ryngane rya mbere—umwe yemeye kwiyanka no kwikorera umusaraba wiwe aramukurikira uwundi na we aravyanka. Uwa mbere yahevye ubugingo bwiwe kubwa Kristo n’ubutumwa bwiza uwundi arirahira ararengwa. Turavye isano riri hagati y’abo bantu babiri, turashobora kuvuga k’umuntu wo mu ryungane rya mbere yanse kwiyanka ari we yipfuza gukiza ubugingo bwiwe asanga yabubuze mu ryungane rya kabiri. Uwemeye guheba ubugingo bwiwe mu ryungane rya mbere ni we yaburokoye.

Yesu ntiyarikw’avuga gukiza canke guheonya ubugingo bw’umubiri. Ayandi majambo akurikira mur’iki gice yerekana ko Yesu yavuga ku kubura canke kuronka mu bihe bidashira. Irindi jambo risa n’iryo Yesu yavuze turisanga muri Yohana 12:25, “Uwukunda ubugingo bwiwe azobubura; arik’uwanka ubugingo bwiwe mur’iyi si azobuzigama gushitsa ku bugingo budashira” (hashimikiwe ku nsobanuro).

Wa muntu wo mu ryungane rya mbere yanse kwiyanka niwe avugwa mu rya kabiri ko yifuje kurokora ubugingo bwiwe. Turashobora kuvuga ko “kurokora ubugingo” bisobanura “gukora ibishoboka ng’ubukize.” Ibi bitahurika cane igihe twihweje wa muntu avugwa ko “yahevye ubugingo bwiwe kubwa Yesu n’ubutumwa bwiza.” Ni we yiyanse, yikorera umusaraba wiwe, aheba imigambi yiwe, abaho akurikiza imigambi ya Kristo no kwamamaza ubutumwa. Uyo ni we nk’uko bivugwa “azorokora ubugingo bwiwe.” Umuntu arondera guhimbara Kristo kuruta uko yinezereza azokwisanga mu munezero mw’ijuru, igihe wa wundi abandanya kwinezereza azokwisanga ari umugorwa i kuzimu, mu kugendera mu migambi yiwe ubwiwe azokwisanga yarabuze umwidengevyo wiwe.

Iryungane rya 3 na 4 (Sentences #3 & 4)

Iryungane rya gatatu n’irya kane:

Kand’umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw’isi vyose, ni yakwa ubugingo bwiwe kw’iciru? Mbega umuntu yotanga iki ngw’acungure ubugingo bwiwe? (Mariko 8:36-37).

Wa muntu yanse kwiyanka aragaragara. Yifuje kurokora ubugingo bwiwe aruhira kububura. Yiswe uwuhurumbira ivy’isi akakwa “ubugingo bwiwe kw’iciru.” Yesu yerekana ubupfu bw’uwo muntu aguza ubugingo bwiwe ivy’isi. Umuntu aronse ivy’isi ubugingo bwiwe bagatererwa i kuzimu ibihe bidashira, ryoba ar’ibara.

Iryungane rya gatatu n’irya kane ritwereka igituma abantu batiyanka ngo bakurikire Kristo. Bahitamwo kwinezereza mu bihimbaro vy’isi. Abanka gukurikira Kristo barondera ibihimbaro vy’ivyaha, arikw’abakunda Imana barabihunga kuko umunezero wabo uri mu Mana. Bamwe birundaniriza ivy’isi bahurumbira ubutunzi, ubutware n’icubahiro arikw’abakurikira Kristo mu kuri barondera ubwami Bwiwe n’ukugororoka Kwiwe. Ubutunzi, ubutware cank’icubahiro bafise ntibaziko babihawe n’Imana babikoreshe kubw’icubahiro c’Imana.

Iryungane rya 5 (Sentence #5)

Turangirize ku ryungane rya gatanu ry’ijambo twariko turiga. Itegereze ingene ajambo kuko karyunga n’ayandi mungane:

Kuk’umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje mur’iki gihe c’ubusambanyi kandi c’ikinyavyaha, n’Umwana w’umuntu bizomutera isoni kumwemera ah’azozira afise ubwiza bwa Se, azananye n’abamarayika bera (Mariko 8:38).

Uyu umuntu ntashaka kwiyanka, agomba gukurikira imigambi yiwe y’ivy’isi akakwa ubugingo bwiwe kw’iciru. Ni we aterwa isoni na Kristo n’Ijmabo ryiwe. Iryo soni riva k’ukutizera kwiwe. Iyo yizera neza ko Yesu ari Umwana w’Imana, ntiyari guterwa isoni n’ijambo Ryiwe mur’iki “igihe c’ubusambanyi n’ic’ikinyavyaha,” Yesu nawe azoterwa isoni zo kumwemera aho azogarukira. Yesu ntiyavuga ku muntu akijijwe.

Mbega indunduro y’ibi vyose ni iyihe? Ivyo twihweje ntibishobora gusigurwa nk’akamo gatewe abakristo banywane na Kristo. Ahubwo vyerekana itandukaniro riri hagati yabakijijwe n’abatarakizwa. Uwakijijwe yizera Umwami Yesu Kristo akiyanka, uwutarakizwa nta fise ukwizera gutuma yumvira.

Akandi Kamo ko Kwishikana (Another Call to Commitment)

Har’ibindi dushobora kuvuga ariko reka twihweze akandi kamo ka Yesu kazwi nk’ubutumwa ku Bantu batarakizwa:

Ni muze kuri Jewe mwese abananiwe, n’abaremerewe, ndabaruhura; mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; n’amwe muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu. Kukw’ingata yanje itababaza n’umutwaro wanje uhwahutse (Mat. 11:28-30).

Abavugabutumwa bakunda gukoresha iki gice batumira abantu gukizwa, ni vyiza cane. Aya majambo atumira abantu gukizwa. Twumva Yesu yemerera “abarushe n’abareme-rewe” kubaruhura. S’akaruhuko k’imibiri y’abaremerewe, ni akaruhuko k’imitima, nk’ukw’ abivuga. Abatarakizwa baremerwa n’urubanza, ubwoba n’icaha bigatuma bakizwa.

Abakeneye akaruhuko Yesu atanga, bategerezwa gukora ibintu bibiri nkuko tubibona. Bategerezwa (1) kuza kuri We no (2), kwikoreza ingata Yiwe.

Abigisha ubuntu bw’ibinyoma bonona insiguro y’ijambo “kwikoreza ingata ya Yesu.” Bamwe bavuga kw’ingata itegerezwa kuba kw’izosi rya Yesu kuko yayise “ingata Yiwe.” Babandanya bavugako Yesu yavuga ingata ifise ibice zibiri , uruhande rumwe rw’iyo ngata ruri kw’izosi ryiwe, urundi ruhande ruragaragara rurindira ko dushiramwo amazosi yacu. Bavugako umukogote wose ukwegwa na Yesu kuko yasezeranyekw’ingata Yiwe itababaza n’umutwaro Wiwe uhwahutse. Igikorwa cacu nk’ukw’abo bigisha babivuga ni ukuguma ku ngata ya Yesu mu kwizera tukamwemereka kuganza agakiza kacu natwe tukagirirwa neza mu buntu Bwiwe! Iyo nsiguro irimwo nyinshi.

Yesu ategeka kw’abarushe bikoreza ingata Yiwe. Baca bugufi imbere Yiwe. Bamwimika mu mitima yabo. Ubugingo bwabo buyoborwa na we. Ni co gituma yategetse ko twikoreza ingata Yiwe tukigira kuri We. Abadakijijwe nk’imfizi z’inyeshamba, baganza no kuyobora ubugingo bwabo ubwabo. Abikoreje ingata ya Yesu baramwishikanira akabayobora. Igituma ingata ya Yesu itababaza n’umutwaro Wiwe uhwahuka ni uko Mpwemu Wiwe adushoboza kumwumvira.

Biragaragara ko Yesu yarikw’ahamagarira abantu gukizwa akoresheje ijambo kuruha bisigura ko bategerezwa guca bugufi no kwumvira Yesu atanga akaruhuko.

Mu ncamake (In Summary)

Umukozi mwiza yumvira amategeko ya Yesu akagira abigishwa, atahura yuko kwihana, kwitanga no kugira abigishwa ari itegeko atar’ukwiyumvamwo. Ni yo nzira imwe rudende igaragaza ukwizera kuzana agakiza. Umukozi aroranye avuga ubutumwa bwa Bibiliya. Ahamagarira abatizera kwihana no gukurikira Yesu, ntiyigera yemeza abadakijijwe ko bakijijwe.

 


[1]

Iyi nsobanuro ivuye mu vyo twamaze gusoma muri Matayo 28:18-20, Yohana 8:31-32; 13:25, 15:8 na Luka 14:25-33.

[2]

Abigishwa banditswe mu vyakozwe n’intumwa 6:1, 2, 7; 9:1, 10, 19, 25, 26, 36, 38; 11:26, 29; 13:52; 14:20, 21, 22, 28; 15:10; 16:1; 18:23, 27; 19:1, 9, 30; 20:1, 30; 21:4, 16. Abizera banditswe gusa mu vyakozwe n’intumwa 5:14; 10:45 na 16:1. mu vyakozwe n’intumwa 14:21, nk’akarorero, Luka yanditse, ati “Bamaze [Paulo na Barunaba] kuvuga ubutumwa mur’cio gisagara no kugira abigishwa benshi…” Paulo na Barunaba bagize abigishwa mu kuvuga ubutumwa bwiza abantu bahinduka abigishwa bihana buno nyene.

[3]

Iki gice c’ivyanditswe cerekana ikosha riri mu kamenyere ko kwemeza abantu ko bakijijwe kandi batarakizwa. Yesu ntiyemeje abiyita abizera ko bakijijwe kubera igisabisho gitoya co kumwemera canke kuvuga ko bafise ukwizera muri We. Ahubwo, yabatera akamo ko gusuzuma kw’ivyo bavuga ari vyo. Dukurikire akarorero kiwe.

[4]

Ikirengeye vyose, sin ka bamwe bavuga ko dukizwa n’ukwizera kutagira ibikorwa, Yakobo avugakw’ukwizera gusa kudashobora kudukiza: “Urabona k’umuntu atsindanishirizwa n’ibikorwa, atari ukwizera gusa.” Ukwizera kw’ukuri ntikwirebanga; kwama guherekejwe n’ibikorwa.

[5]

Paulo yemeza kw’agazi ari ku buntu atari ku bikorwa igihe cose yahangana n’abagendera mu vyagezwe mu gihe ciwe. Paulo ntiyariko akosora abigishije ko kwezwa ari ngombwa k’uwushaka ijuru kuko ubwiwe yaravyizera akavyemanga. Ahubwo, yanditse kugira ngw’akosore abayuda batatahura ivy’ubuntu bw’Imana mu gakiza, ntibabona imvo n’imwe yatumye Yesu apfa. Benshi ntibizera kw’amahanga ashobora gukizwa kuko batatahura ubuntu bw’Imana buzana agakiza. Bamwe biyumvira ko gukebwa, kuva mu ruvyaro kanaka canke kwitondera amategeko (na vyo nyene vyabata ku w’amazi) bizana agakiza. Ukwo ni uguhindura ubusa ubuntu bw’Imana n’ica tumye Kristo apfa.

[6]

Nk’uko nyene, igihe Imana yahishurira Petero ko n’abanyamahanga bashobora gukizwa iyo bizeye Yesu, ni ho Petero yabwira abari kwa Korneliyo, ati “N’ukuri ni ho nkimenya yukw’Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose uyubaha, agakora ivy’ukugororoka, imwakirana yompi” (Ivyak. 10:34b-35, hashimikiwe ku nsobanuro). Petero yongeye kuvuga mu vyakozwe n’intumwa 5:32 kw’Imana yatanze Mpwemu Yera “ku bayemera.” Mpwemu Yera aba mu bakristo bose bizera (raba Abaroma 8:9; Gal. 4:6).