Gukura Kwishengero (Church Growth)

Igice Ca Gatanu (Chapter Five)

Uri umwengere yifuza ugukura kw’ishengero ryiwe? Iki ni icipfuzo abungere bose bahurira ko. Ni kuki ugomba kw’ishengero ryawe rikura? Ishura n’umutima w’ukuri?

Ushaka kw’ishengero ryawe rikura ngo babone ko ushoboye igikorwa? Ushaka icubahiro n’abantu bagukurikira? Ushaka kugira ubushobozi ku bantu? Ushaka gutungira kw’ishengero? Izo nyishu zose ni mbi n’aho zirimwo ukwifuza ugukura kw’ishengero.

Gushaka ko ishengero ryawe rikura Imana igashimagizwa kukw’abantu bashishikara guhindurwa na Mpwemu Yera ni yo mvo yotuma wifuza ugukura kw’ishengero.

Turashobora kwibesha ngw’ivyiyumviro vy’imitima yacu ni vyiza ntitumenye ko tuganzwa n’umutima wo kwikunda.

Tumenya gute intumbero ziri imbere muri twebwe? Tumenya gute ko dushaka kwubaka ubwami bw’Imana canke kwiyubakira ubwami bwacu?

Tubimenya dusuzumye inyifato yacu igihe abandi bungere baroraniwe mu gikorwa. Nimba tuvuga ko intumbero z’imitima yacu ari nziza, nimba tuvuga ko twifuza ugukura kw’ubwami bw’Imana n’ishengero ryayo tugasanga har’ishari n’ipfuhe mu mitima kukw’ayandi mashengero yateye imbere intumbero z’imitima yacu zizoba ari mbi cane. Bisigura ko tutanezwe ugukura kw’ishengero ahubwo twironderera ugukura kw’idini ryacu gusa. Biva kuki none? Biva k’ukwikunda kuruta Imana n’abantu bayo.

Turashobora gutahura intumbero zo mu mitima yacu igihe havutse ishengero rishasha mu karere turimwo. Igihe bitujugumije duce dutahura ko umwitwarariko wacu ari mubi.

Abungere b’amashengero manini-manini na bo barashobora gusuzuma intumbero y’imitima yabo. Ni bibaze ibibazo bikurikira, “ubwo ndashobora gutanguza ishengero rishasha nkemera kurungika bamwe mu barongozi n’abantu bo mw’ishengero ryanje mu gikorwa c’Imana nkemera kw’ishengero ryanje rigabanuka” Umwungere adashobora kwemera ico ciyumviro azoba ariko yubaka ishengero rimuzanira icubahiro ciwe. (Hamwe n’ivyo, umwungere w’ishengero rinini arashobora gutanguza amashengero mashasha arondera icubahiro ciwe igihe yihayagiza mu mutima wiwe kukw’amaze kuvyara amashengero menshi.) Ikindi kibazo ashobora kwibaza ni “Mbega ndemera gukorera hamwe n’abandi bungere b’amashengero mato-mato canke shinshobora kuko ntangana nabo?” “Ndashobora kwemera kuragira abantu cumi na babiri canke mirongwibiri mw’ishengero ryo mu nzu? Ivyo narabirengeye.”

[1]

 

Ibihe Vy’Ugukura Kw’Ishengero (The Church Growth Movement)

Mu bibanza vy’ibitabo vy’abakristo muri Amerika na Canada har’ibitabo vyinshi bivuga k’ugukura kw’ishengero. Ivyo bitabo n’inyigisho zirimwo vyarakwiragiye mw’isi. Abungere banyotewe kubona amashengero yabo yuzura ni bo bemera impanuro zose zanditswe n’abungere bo muri Amerika bazwi ko bafise amashengero yuzuye abantu. Abo bungere biyumvirako ubunini bw’insegero zabo n’igitigiri c’abinjira ku wamungu ari vyo bishitsa umugambi w’Imana.

Abantu bazi ibintu n’ibindi barazi neza kw’igitigiri c’abaza mu makoraniro n’ubunini bw’insengero bitandukanye cane n’igikorwa co kugira abigishwa. Har’amashengero muri Amerika yuzuye abantu kuko yigisha ibihumanya. Ndamaze kuvugana n’abungere benshi kw’isi bababazwa no kwumva ko muri Amerika har’abantu bigisha kw’igihe umuntu akijijwe adashobora gutakaza agakiza n’aho yogendera mu vyaha. N’kuko nyene, hari abungere benshi muri Amerika bigisha ubuntu buzimbutse bwemeza abantu ko bashobora kuja mw’ijuru batejejwe. Har’abandi bigisha ubutumwa bw’imihezagiro gusa butuma abantu kwifuza ivy’isi ntibabwirwe ko bazobisiga mw’isi. Ubwo buhinga bubi bwo kwuzuza amashengero ntidushobora kubwigana.

Ndamaze gusoma umuganda w’ibitabo bivuga k’ugukura kw’ishengero, ukwo nsoma ni ko nzazanirwa. Vyinshi muri vyo, birimwo ubuhinga n’impanuro zisa n’iza Bibiliya. Ni co gituma bihurumbirwa n’isi yose. Nka vyose, bishingiye ku karorero k’ishengero ryo mu myaka 1700 gusa, ishengero ryo muri Bibiliya ntirivugwamwo. Vyerekana kw’intumbero yabo atari ukwubaka umubiri wa Kristo ngo bagire abigishwa n’abakozi bagira abigishwa ahubwo intumbero yabo ni ukwiyubakira amadini. Ni co gituma indoto zabo zo kugira insengero nini-nini, abakozi n’integuro z’ubwenge bituma bagereranywa n’amashirahamwe yo mw’isi.

Ubuhinga bumwe mu bwo kwagura ishengero ry’iki gihe ni ukwongereza ibitigiri. Ubwo buhinga bwigisha kuryosha amakoraniro kugira ngw’abantu bayazamwo baryoherwe n’aho badashaka kuba abigishwa ba Yesu. Ubutumwa bwo gukuyakuya abantu, amasengesho y’uruheyiheyi, gukora ibikorwa uko bavyiyumvamwo, aho ntituvuze ku nyigisho z’imihezagiro n’ibindi ni vyo biranga ayo makoraniro. Ivyo vyose tudondaguye n’aho bizana abantu mw’ishengero ntibifasha mu gikorwa co kugira abigishwa bumvira amategeko yose ya Kristo. Ni co gituma tubona hari abakristo badatandukanye na gato n’abatizera, bompi baja i kuzimu ni batahindura. Ubwo buhinga ntibushobora gukiza isi ahubwo bukoreshwa na Satani kugira ngo yigarurire ishengero. Ukwo s’“ugukura kw’ishengero” ni “ugukura kw’isi.”

Kuryohera Abantu (The Seeker-Sensitive Model)

Ubundi buhinga bugezweho mu gukuza ishengero muri Amerika bwitwa “kuryohera abantu”. Mur’ubu buhinga, amakoraniro yo ku wamungu mu gitondo ategerezwa (1) kubwira abakristo gutumira bagenzi babo batara kizwa, (2) kuryohera amatwi y’abantu batarakizwa bitavye amakoraniro yabo. Amakoraniro yo hagati mu ndwi n’imirwi mitomito ijejwe kugira abigishwa.

Ivyo biri mu vyatumye haba amashengero yaguka cane. Mur’ayo mashengero manini-manini yo muri Amerika ivyo babifashe nk’uburyo bwiza bwo kuvuga ubutumwa no kugira abigishwa. Basabwa kwinjiza umuntu wese wo mw’ishengero mu mirwi mitomito (kenshi ntavyobagira) akahigishirizwa inyigisho zitavanze (ivyo ntibivugwa i wabo kukw’intumbero yabo ari ukworohereza abantu, ubutumwa bwiza butegerezwa guhangana n’ubwibone bw’abantu). Amashengero arondera kuryohera abantu yarateguye ubuhinga bwo gushikira abantu batarakizwa, birababaje kubona amashengero yigisha ukuri atamenya ingene ashikira abatarakizwa.

Mbega har’isano riri hagati y’ubuhinga bw’amashengero y’iki gihe n’ubuhinga bwa bibiliya mu gukuza ishengero?

Mu gitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa, intumwa n’abavugabutumwa bahamagawe n’Imana baravuga ubutumwa mu Bantu benshi no mu nzu ku yindi bakora ibimenyetso n’utwumiza. Ubwo ni bwo buhinga bakoresha. Abihana bakizera Umwami Yesu baguma mu vyo intumwa zigisha. Bakoranira mu mazu biga ijambo ry’Imana bagakorera mu ngabire za Mpwemu. Barasangira ingaburo y’Umwami, bagasenga n’ibindi nk’ivyo. Barongorwa n’abashingantahe b’ishengero/abungere/abazezwashengero. Abavugishwa n’Imana n’abigisha nk’uko bahamagawe n’Imana, bagendagenda mu mashengero bashikiriza ic’Umwami agomba. Umuntu wese yabwira ubutumwa bwiza abagenzi n’ababanyi biwe. Ntibubaka insengero kuko zikereza ugukura kw’ishengero zikagandagura amafaranga yokoreshejwe mw’ivugabutumwa no kugira abigishwa mu bwami bw’Imana. Abarongozi bigishirizwa mu bikorwa, ntibarungikwa mu mashule ya Bibiliya. Ibi ni vyo vyatumye ishengero rikura bihebuje, abantu bose batumberewe barashikirwa n’ubutumwa bwiza.

Ubuhinga bwo kuryohera abantu ntibugira ibimenyetso n’ibitangaza, nta bubasha buva mw’ijuru burimwo ngo bushobore gutumira no kwemeza abantu. Ubwo buhinga bushingiye ku bubasha bw’umubiri bwo gutumira no gukundisha abantu urusengero ni bwo butumwa bwabo. Ubwenge bw’uwigisha n’inkomezi ziwe zogutahuza abantu ni bwo butumwa bwiwe. Biratandukanye n’ubuhinga Paulo yakoresha nk’ukw’avyivugira “Imvugo yanje n’ukwigisha kwanje ntivyarimw’amajambo y’ubwenge yo kwemeza abantu ariko vyaserukamwo Mpwemu n’ubushobozi, kugira ng’ukwizera kwanyu ntiguhagarare mu bwenge bw’abantu ariko guhagarare mu bushobozi bw’Imana” (1 Kor. 2:4-5).

Ubundi budasa (More Differences)

Amashengero akoresha ubuhinga bwo kuryohera abantu mw’ishengero ntagiramwo intumwa n’abavugabutumwa, umukozi abonekamwo ni umwungere. Ikibazo: Igihe umwungere ari we akora ibintu vyose mw’ishengero ritagira intumwa n’abavugabutumwa mbega iryo shengero rirashobora gukura?

[2]

 

Umwungere avuga ubutumwa bwo kuryohera abantu arungika abakristo kuzana abatarakizwa mw’ishengero. Vyumvikana ko haba umusi wo kubwiriza abadakijijwe bari mw’ishengero. Ariko Bibiliya yerekana kw’intumwa n’abavugabutumwa bavuga ubutumwa ku mugaragaro no mpisho. Uwizera wese yakubitirwa kubwira abagenzi n’ababanyi biwe ubutumwa bwiza. Wumva ubuhinga butuma hakizwa benshi ni ubuhe?

Ubuhinga bwo kuryohera abantu bukenera inyubako nziza zidashobora gutera isoni abatumira n’abatumirwa. Izo nsengero zikegeta amafaranga Atari make. Biyumvira ko hategerezwa kwubakwa urusengero rw’akarorera kugira ng’ubutumwa “buvugwe.” Muri Amerika urusengero rw’akarorero rutegerezwa kuba mu kibanza ciza kirimwo abatunzi. Aho bitandukaniye n’ubuhinga bwakoreshwa n’ishengero dusanga muri Bibiliya ni ukw’ata nsengero zubakwa mur’ico gihe, kugira ubutumwa buvugwe nta kibanza canke amafaranga vyakenerwa. Nta sano riri hagati y’ ubutumwa n’urusengero.

Ubundi Budasa (Still More Differences)

Har’itandukaniro rikomeye hagati y’amashengero arondera kuryohera abantu n’ishengero dusanga muri Bibiliya.

Intumwa n’abavugabutumwa tubona mu vyakozwe n’intumwa babwira abantu kwihana, kwizera Umwami Yesu no kubatizwa buno nyene. Abakijijwe bahinduka abigishwa ba Kristo bakwije ibiranga abigishwa nk’uko Yesu avyerekana muri Luka 14:26-33 na Yohana 8:31-32. Abo bigishwa bakunda Yesu kuruta vyose, baguma mw’ijambo ryiwe, bikorera imisaraba yabo, bariyanka bakazezwa ubutunzi bw’Imana.

Ubutumwa buvugwa n’ayo mashengero aryohera abantu ntibuyoberana. Abanyavyaha babwirwa kw’Imana ibakunda, ishoboye kwishura imitwaro yabo kandi ko bakizwa igihe “bemeye Yesu nk’Umukiza.” Bahejeje kugira igisabisho citwa “isengesho ryo kwihana” baremezwa ko bakijijwe bagasabwa gukurikira ivyigwa vyo gukura muri Kristo, ntibigishwa guharura igiciro co kugira abigishwa. Iyo bahawe ivyo vyigwa, babihejeje abenshi ntibasubira kuza mw’ishengero. Bahabwa ivyigwa bishingiye ku mikorere n’ivyizerwa vy’ishengero ryabo. Ntibigishwa kugira abigishwa bumvira amategeko ya Kristo. Intumbero yabo si “ukugira abigishwa” ni ugushikana uwizera ku gutanga ikigiracumi kw’ishengero (rishobore kuriha amadeni no guhemba abakozi tudasanga muri Bibiliya. Bigisha nabi ibanga ry’ubunyabigega. Bashigikira ibintu Imana irwanya bagasahura ibigenewe gushigikira igikorwa c’Imana) no kwiyumvira kw’“igikorwa cagutse” kukw’abantu bashinzwe ibikorwa bitari mu vyanditswe.

Nk’ubu igihugu cawe kibuze abagabo b’indyamunyu baja mu rugamba kigaca cikoranyiriza “ingwiza murongo” zije kurwana urugamba ubona ingaruka yoba iyihe? Biragaragara kw’abiyandikishije batazokora icatumye biyandikisha—imishahara yabo yose bayihabwa nk’ingabire batakoreye kandi batari bakwiye kuronka. Bavyuka igihe bashakiye. Bimenyereza igihe bashikiye, barashobora no kwirabira imboneshakure igihe c’imyimenyerezo. Urugamba rukamvye, barashobora kuja kurwana canke bakaja ku kiyaga kwifatira akayaga. Inkurikizi zirazwi ?

Bimeze gurtyo, abiyandikisha boba injojo! Arikw’ico nticoba kikiri igisirikare, nticoshobora iryo banga. N’amashengero arondera ingwizamurongo amera gurto nyene. Kwiyobagiza ibisabwa abigishwa vyongereza igitigiri c’abinjira mw’isengero ku wamungu bigasibanganya igikorwa co kugira abigishwa bumvira. Ayo mashengero yuzuyemwo ingwizamurongo agerageza “kuvuga ubutumwa” ku wamungu no “kugira abigishwa” hagati mu ndwi. Ni co gituma badashobora kubwira abantu babo yuko abigishwa ba Yesu gusa ari bo bemerewe kuja mw’ijuru. Babivuze, abanyashengero ntibogaruka mu makoraniro yabo yo ku wamungu mu gitondo. Ayo mashengero ategerezwa kuguma mu bubeshi abwira abantu ko kugira abigishwa no kwumvira bigirwa n’umuntu avyishakiye ntibishobora kubuza umuntu kuja mw’ijuru.

[3]

 

Ndatahura ko har’amashengero menshi agerageza kwumvira Bibiliya. Ntakabuza, inyigisho ya Bibiliya yo kugira abigishwa no kuramura abakozi ni co citegerezo cacu twese.

Ni kuki amashengero menshi adakurikiza akarorero ka Bibiliya? Ibituma ni vyinshi cane arikw’indunduro yavyo ni imwe: imigenzo, ukutizera n’ukutumvira ni vyo bituma Bibiliya idakurikizwa. Abenshi bavuga ko gukurikiza Bibiliya bidashoboka mur’iki gihe turimwo. Ico ni ikinyoma kukw’ahantu henshi kw’isi bakurikiza Bibiliya. Umuvuduko w’ugukura kw’ishengero mu Bushinwa mu kinjana giheze watumwe no kugira abigishwa nk’uko Bibiliya ivyigisha. Mbega Imana ikorera mu Bushinwa si yo dusenga?

Bisigura yukw’abungere badakwiye kwigana ubuhinga bwose bwo kwagura ishengero bukoreshwa muri Amerika n’aho bwuzuye kw’isi yose. Iyo bwisunga ico Bibiliya ivuga k’ugukura kw’ishengero, ubwo buhinga bwobaye bwiza.

Inkurikizi (The Aftermath)

Igitigiri c’abakunda inyigisho z’ishengero ry’iki gihe ni gisumba igitigiri c’abungere beza kw’isi. Abungere benshi bafise amashengero y’abantu badashika ijana. Abenshi muri bo bagerageje ubwo buhinga bwo gukuza ishengero, ntirikura kandi bitabavako. Nta muntu atazi ko har’ibintu vyinshi abungere batazi bituma amashengero yabo adakura. Turabe bimwe muri vyo.

Ugukura kw’ishengero kugarukira ku gitigiri c’abantu baba mu karere ririmwo. Amashengero manini-manini usanga ari mu bisagara binini-binini. Har’amamiliyoni y’abantu bashobora kugiramwo abanyeshengero. Tuvuze kw’igitigiri ari co cerekana kw’ishengero riroraniwe, duca twitegereza ishengero twisunze igitigiri c’abagize igisagara iryo shengero ririmwo. Dufatiye ngaho, dushobora kuvuga ko har’amashengero agizwe n’abantu cumi asumba ugukura ayafise abantu ibihumbi cumi. Ishengero rifise abakristo cumi ku mutumba ugizwe n’abantu mirongwitanu risumba ugukura ishengero ry’abantu ibihumbi cumi riri mu gisagara c’abantu imiliyoni zitanu. (Ikibabaje n’ukw’abo bungere b’abantu cumi badashobora guhabwa akanya ko kwigisha mu nganda z’ugukura kw’ishengero kuko biyumvirwa ko badashoboye igikorwa c’ubwungere.)

Ikintu ca Kabiri Kizibira Ugukura Kw’Ishengero

(A Second Limiting Factor to Church Growth)

Ugukura kw’ishengero kuzibirwa n’ukurundana kw’amashengero mu ntara imwe. Har’ ibisagara bifise abantu benshi bemera ubutumwa kuruta ibindi. Igihe abo bantu bose bizeye, igitigiri c’abanyeshengero ntigisubira kuduga kiretse har’abasengera mu rindi shengero bimukiye yo (nikw’amashengero menshi manini-manini yuzura—anyaga ayandi mashengero).

Umukristo wese arafise igihe yigeze kwanka ubutumwa n’igihe yabwemera kuko yahisemwo kwumvira Mpwemu Yera. Bisigura kw’abantu batemera ubutumwa uyu musi bazobwemera ejo. Igihe babwizeye, igitigiri c’abanyeshengero kirongerekana. “Ikanguro” ni igihe abantu benshi bizera ubutumwa bigeze kwanka. Ntitwibagire kw’igihe umuntu umwe yizeye ubutumwa ari ikanguro ritoya. Ikanguro rinini ritangurira ngaho. Mwungere, ntukengere intango ntoya.

Yesu yarungitse abigishwa biwe kubwira ubutumwa ibisagara bimwe-bimwe kandi azi neza ko bitazokwizera ubwo butumwa, nta muntu n’umwe yihanye (raba Luka 9:5). N’aho bimeze gurtyo, yarabarungitse kubuvuga. Twovuga kw’abo bigishwa bananiwe? Oya, n’aho abantu batihanye (igitigiri kitongerekanye), abo bigishwa bararoraniwe kuko bumviye Yesu.

Nk’uko nyene, Yesu aracarungika abungere mu misozi, ibisagara n’intara zifise abantu bakeya biteguye kwizera ubutumwa bwabo. Abo bungere barongora amashengero yabo mu bwizigirwa, bararoraniwe mu nyonga z’Imana n’aho abahinga bigisha ivyo gukura kw’ishengero bavuga ko bananiwe.

Abungere bategerezwa kurema kukw’Imana ifasha abatizera kwizera ubutumwa kubw’ ubuntu bw’imana n’amasengesho y’abantu bayo. Mu kwemeza abadakijijwe, Imana icishiriza mw’ijwi ry’imitima yabo, ivyo yaremye, ibihe bitandukanye, urubanza rwo kw’isi, intahe y’ishengero, ubutumwa bwiza n’ukwemezwa na Mpwemu Yera. Bungere ni mukomere. Mubandanye kwumvira, musenge muvuge ubutumwa. Ikanguro ritarashika habaho inyota y’ikanguro. Hama hari abantu barota kandi banyotewe ikanguro. Ntimureke kurota!

Ikintu ca Gatatu Kizibira Ugukura Kw’Ishengero

(A Third Limiting Factor to Church Growth)

Ica gatatu kibuza ugukura kw’ishengero ni ububasha buke bw’umwungere. Abungere benshi ntibagira ububasha bwo kurongora ishengero rinini kandi s’ikosha ryabo. Iyo ngabire ntayo bafise. Ntibashobora gutunganya canke kuvuga/kwigisha amakoraniro manini-manini. Abo bungere ntibahamagawe n’Imana kurongora amashengero manini-manini. Igikorwa cose bakora ni ukwiruhiriza ubusa kiretse ukurongora ishengero.

Mperuka gusoma igitabo c’uburongozi kizwi cane canditswe n’umwungere mukuru w’ishengero rinini muri Amerika. Igihe nsoma impanuro yahaye abungere, naguma nibwira nti: “Ntariko atubwira uko twoba abungere— atubwira ingene twoba abayobozi b’amashirahamwe manini-manini.” Ico ni co abungere b’amashengero manini-manini yo muri Amerika barota. Bakenera abakozi benshi babafasha ibikorwa. Gutunganiriza abo bakozi bisaba kwitanga cane. Uyo mwanditsi agereranywa n’umuyobozi w’ishirahamwe ryo mw’isi. (Kanatsinda, igitabo ciwe kivuga cane ku bayobozi b’amahinguriro manini-manini. Abungere basoma ico gitabo ntibakwiye gukurikiza uturorero yatanze ku mashirahamwe yabo mw’isi.) Abantu benshi basoma ico gitabo ntibashobora kugira ubwenge bwo kurongora no gutunganya ivy’ishengero nk’uyo mwanditsi.

Mur’ico gitabo nyene, amwanditsi yaravuze ingene yakoze amakosha incuro nyinshi mu kwubaka ishengero ryiwe. Yarashize mu gatengo umuryango wiwe n’igikorwa yahamagariwe. Kuba akiriho ni ubuntu bw’Imana. Ivyo yaciyemwo binyibutsa ingene abungere benshi bacumukura ngo bashobore kuroranirwe nk’uyo mwungere. Nta nkeka bazokora amakosha yakoze, kandi barashobora bakaranduka. Abungere benshi bitangira amashengero yabo bagaheba abana babo bagasambura ingo. Bamwe barahahamutse kubera ingorane bikwegeye batabizi kuko biyumvira kw’Imana ishaka ko bayikorera mu gusambura ingo zabo. Barasambuye ibikorwa vy’amaboko yabo. Har’abandi bahevye barahunga ibikorwa batanguje ubwabo. Abandi benshi bakiriho nta vyizigiro bagifise kuko bikwegeye akarambaraye.

Uko nabandanya nsoma ico gitabo ni ko natahura kw’ibikorerwa mu mashengero menshi y’iki gihe bitigeze bikorwa mw’ishengero rya mbere. Nta mwungere yazezwa ishengero ry’abantu barenga mirongwibiri na batanu. Nk’uko nabivuze mu bice vya mbere, abungere biyumvira kw’amashengero yabo ari matoya ni basuzume ico ivyanditswe vyigisha. Ufise abantu mirongwitanu, menya kw’ishengero ryawe riramaze kuba rinini cane. Nimba uri umurongozi mwiza, saba ubwenge ugabure iryo shengero mu mashengero atatu yo mu nzu muce mugurisha iyo nyubako yanyu. Ayo mahera muyakoreshe mu gikorwa co kugira abigishwa mwubake ubwami nkukw’Imana ibishaka.

Wumvako bigumye cane, tangura gutegura abarongozi b’ejo. Tangura imirwi mito-mito canke imirwi mito-mito ufise mw’ishengero tangura kuyiha umwidegemvyo yemererwe gukora nk’amashengero yo mu nzu yigenge maze wirabire.

Ubundi Buhinga Ab’Iki Gihe Bakoresha mu Kwagura Ishengero

(Other Modern Church-Growth Techniques)

Har’ubundi buhinga ab’iki gihe bita bwiza kuko bwongereza igitigiri c’abanyeshengero turetse ubwo kugira abanyeshengero b’ingwizamurongo. Ubwo na bwo ntibwisunga Bibiliya. Ni ubuhinga bwo kurwana “intambara yo mu mpwemu.” Hakoreshwa amajambo nka “gusambura ibisika,” “Isengesho ryo kunesha”no”kugenekereza akarere k’intambara.”

Tuzobona bimwe mur’ivyo mu bindi bice vyahariwe intambara yo mu mpwemu, n’aho nyene, tuzokwibaza igituma imikorere n’ubuhinga intumwa zitigeze gukoresha vyafashe ikibanza kinini mu nyigisho z’ugukura kw’ishengero.

Vyinshi mu bituma ishengero rikura bishingiye ku buzima bw’umwungere kukw’umwungere avuga ati “nagize iki kintu abanyeshengero banje barongerekana. Nawe ugikoze abanyeshengero bawe bazokwongerekana.” Mu bisanzwe ukwongerekana kw’abanyeshengero babo ntikwatumwe n’ivyo bintazi bakoze nah’ari kwo biyumvira. Ikimenyamenya ni ukw’igihe abandi bungere biganye ivyo yakoze bagakora nka we, abanyeshengero babo ntibongerekana na gato.

Umwungere afise abanyeshengero benshi arashobora kuvuga ati, “Igihe twatangura gusenda abadayimoni biziziye igisagara cacu, ikanguro ryaciye rishka mw’ishengero ryacu. Nawe tangura gusenda abadayimoni ishengero ryawe rizoca rironka ikanguro.”

Ni kuki habaye ikanguro mw’ishengero ibihe bitandukanye mu myaka 2,000 iheze kandi ata muntu yasemerera asenda abadayimoni mu bisagara? Nta nkeka, umwungere yiyumvira kw’ikanguro ryazanywe n’ugusenda abadayimoni aribesha. Ikanguro ryabaye kukw’abantu bagize ivyo bisagara bitandukanye bemeye ubutumwa bwiza kukw’ amasengesho y’ishengero kanaka kubw’ivyo bisagara yatubiranye n’igihe uyo mwungere agiye kuvuga ubutumwa mur’ivyo bisagara. Imitima yabo bantu yari maze kwugurukira ubutumwa. Kenshi cane, igitigiri c’abanyeshengero congerekana igihe uri mu kibanza ciza ku mwanya mwiza. (Mpwemu Yera ni we adufasha kuba mu kibanza ciza ku mwanya mwiza.)

Nimba gusenda abadayimoni vyatumye ishengero ry’umwungere kanaka rigira ikanguro, ni kuki iryo kanguro rigenda rigabanuka gushika aho ritakivugwa ukundi? Nimba ugusenda abadayimoni ari rwo rufunguruzo, igihe cose dushishikaye mu gikorwa co gusenda abadayimoni umuntu wese aba mur’ico gisagara ategerezwa kuza kuri Kristo. Turazi ko bataza bose.

Ukuri kugaragara tuvyiyumviriyeko gatoya. Ibituma ishengero rikura muri Bibiliya ni gusenga, kuvuga ubutumwa, kwigisha, kugira abigishwa, kurongorwa na Mpwemu Yera n’ibindi nk’ivyo. Ivyo bituma dusanga muri Bibiliya ntivyama bituma ishengero rikura kukw’Imana yahaye umuntu wese umwidegemvyo wo guhitamwo gukizwa canke guhona. Barashabora guhitamwo kwihana canke kutihana. Nimba ugukura kw’ishengero kugaragazwa n’iyongerekana ry’abanyeshengero, Kristo ubwiwe azoba yarananiwe gukuza ishengero kuko har’ibisagara yabwira ubutumwa ntivyihane na gato.

Ibi vyose vyerekana ko dutegerezwa kugira ico Bibiliya yigisha mu kwubaka ishengero. Ibindi vyose ni uguta umwanya. Har’ibikorwa vy’ibiti, ivyatsi n’ibishakashaka bizoturirwa n’umuriro ku musi wa nyuma, bene kubikora ntibazobihererwa impembo (1Kor. 3:12-15).

Mu kurangiza, intumbero yacu ntiyoba kwongereza ibitigiri gusa, tugire abigishwa. Ishengero rikuze kuko rigira abigishwa, Imana irashimwa!

 


[1]

Iyindi nyungu y’ishengero ryo mu nzu—abungere ntibirundaniriza abakristo mw’ishengero, igitigiri c’abantu ntikirenga abokoranira mu nzu.

[2]

Iki ni co gituma mur’iki gihe har’abavugabutumwa, abigisha, abavugishwa n’Imana n’intumwa ziyobora amashengero. Abakozi bahamagawe n’Imana ntibagihabwa ikibanza kibakwirikiye mu mitegekere y’amashengero y’iki gihe, arikw’abakozi batahamagariwe kuyobora aka ari bo bazezwa amashengero bakagunga imigisha bohaye ishengero kuko bakorera mu mihamagaro y’abandi. Ni nk’igihe abantu bagenzwa no kwubaka ubwami bwabo babicishiriza mu kwubaka ishengero, n’aho ata muhamagaro abifitiye. Kuko bizwi yukw’abungere bahabwa ibigiracumi n’ “abantu babo’”, Amahera menshi mu yo batoza mu mashengero akoreshwa mu kwubaka canke gushariza impome z’urusengero, abakozi batahamagariwe kuyobora ni bo bayobora amashengero mu kwironderera amafaranga yo gukora ibikorwa bumva ko bahamagariwe vy’ukuri.

[3]

Ibuka kw’ibintu Yesu arondera k’umwigishwa w’ukuri muri Luka 14:26-33 bitabwirwa abizera. Ntituhave twiyumvira kw’igikorwa co kugira abigishwa ari intambuko ya kabiri umukirsto afata kukw’avyishakiye. Yesu yabwiye ayo majambo ishengero ryamugendanira. Kuba umwigishwa wa Yesu ni yo ntambuko imwe rudende Yesu yavuze. Iyo ntambuko ntitandukanye n’iyo gukizwa. Ibi birwanya ivyigishwa mu mashengero afise abakristo b’ingwizamurongo.