Gukira Kuva Mw’ijuru (Divine Healing)

Igice ca Cumi na Gatanu (Chapter Fifteen)

N’ah’icigwa c’ugukira kuva mw’ijuru cuzuyemwo ibihari, ivyanditswe ntibigihisha na gato. Kanatsinda, kimwe kw’icumi ry’ivyanditswe mu njili zose zine bivuga ku gikorwa ca Yesu co gukiza indwara. Har’amasezerano yo gukira kuva mw’ijuru mw’Isezerano rya Kera, mu njili n’ivyete vy’Isezerano Rishasha. Abarwaye barashobora kuremeshwa n’ivyanditswe vyinshi bashobora kwubakak’ukwizera kwabo.

Muri rusangi ndamaze kubona kw’isi hose yukw’ahantu amashengero yuzuyemw’abizera bishikaniye Imana (abigishwa b’ukuri), ugukira kuva mw’ijuru kuramenyerewe cane. Ah’ishengero riri akazuyaze canke rizazaniwe, gukira kuva mw’ijuru usanga ar’imboneka rimwe.

[1]

Ibi ntibishobora kudutangaza, nkuko Yesu yatubwiye yuko kimwe mu bimenyetso bizokurikira abizera ar’ukurambika ibiganza ku barwye bagakira (raba Mariko 16:18). Twoshika aho tuvuga ishengero dufatiye ku bimenyetso Yesu yavuze ko bizokurikira abizera, twavuga yukw’amashengero menshi yuzuyemw’abatizera:

[Yesu] Arababarira, ati “Mugende muje mu bihugu vyose, mubwire abaremwe bose ubutumwa bwiza. Uwizera akabatizwa azokizwa, arik’uwutizera azotsindwa n’urubanza. Kand’ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera n’ibi : bazosenda abadayimoni mw’izina ryanje; bazovuga indimi nsha; bazofata inzoka; ni banywa icica; nta co kizobagira na gatayo; bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire” (Mariko 16:15-18).

Umukozi agira abigishwa, mu kwigana igikorwa ca Kristo, ategerezwa gukoresha ingabire yiwe agaha ikibanza gikwiye ugukira kuva mw’ijuru aho agerereye hose. Arazi yuko gukira kuva mw’ijuru kwagura ubwami bw’Imana mu nzira zibiri n’imiburiburi. Ubwa mbere, gukira kw’ibitangaza ni ikimenyetso ciza c’ubutumwa bwiza, nk’umwana wese asomye injili cank’igikorwa c’ivyakozwe n’intumwa arashobora ku bitahura (ariko har’abakozi insinzi bafise impamwa bushobozi zo kwigisha ivy’Imana ariko badashora gutahura ibi bintu). Ubwa kabiri, abigishwa beza ntibazibirwa kubandanya n’aho hoba umuntu arwaye agomba gukira.

Umukozi agira abigishwa ayegerezwa kwitwararika abantu bo mu mubiri wa Kristo bakeneye gukira ariko n’ubu ntibarakira. Bakeneye impanuro z’urukundo no guhanurwa, cane cane igihe boba bari mu gitigiri c’abarwanya inkuru zo gukira kuva mw’ijuru. Umukozi agira abigishwa ategerezwa guhitamwo: arashobora guhitamwo guhagarika no kwirinda inyigisho zose zimeze gurtyo, aho rero nta muntu n’umwe azokomeretswa canke ngo hagire uwukira indwara, arikw’arashobora kuvyigisha mu rukundo akemera kubabaza abantu bamwe arikw’agafasha abandi gukira kuva mw’ijuru. Ku bwanje, nahisemwo ico ca kabiri, kwizera kwigana Yesu.

Gukira ku Musaraba (Healing on the Cross)

Ahantu heza twohera icigwa c’ugukira kuva mw’ijuru ni ku gice ca mirongwibiri na gatatu, aho Isaya n’abandi bantu bemera ubuhanuzi. Mukuvugishwa na Mpwemu Yera, Yesaya yaravuze ku rupfu rwa Yesu n’ubushobozi bw’umusaraba:

N’ukuri n’izacu ntimba yishizeko, n’iyacu mibabaro yikoreye; ariko tweho twamwiyumviriye nk’uwakubiswe, nk’uwacumiswe n’Imana, akicurikirizwa n’akabonge. Yamara yacumitiwe ivyacu bicumuro, yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo: igihano kituronkesha amahoro cabaye kuri we, kand’imishishagu yiwe niyo idukiza. Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isabagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremeka ukugabitanya kwacu twse (Yes. 53:4-6).

Ahishuriwe na Mpwemu Yera, Yesaya yavuze ko Yesu yikoreye intimba n’ imibabaro yacu yose. Insobanuro nziza y’ikigiri ivuga yuko Yesu yikoreye indwara n’ imibabaro yacu, nkukw’izindi nsobanuro zivyerekana mu majambo yazo y’insiguro.

Ijambo ry’igiheburayo ryasobanuwe intimba muri Yesaya 53:4 ni ijambo choli, dusanga no mu Gusubira mu Vyagezwe 7:15; 28:61; 1Abam. 17:17; 2 Abam. 1:2; 8:8 hamwe 2Ngoma 16:12; 21:15. Aho hose ryasobanuwe indwara cank’ibikomere.

Ijambo ry’igiheburayo ryasabanuwe imibabaro ni makob, dushobora no gusanga muri Yobu 14:22 na Yobu 33:19. aho hose risobanura ukuribwa.

Ko bimeze gurtyo, Yesaya 53:4 hasobanurwa ngo, “N’ukuri yishizeko indwara zacu. Yikoreye ukuribwa kwacu.” Ibi vyanditswe muri Yesaya 53:4 vyemezwa na Matayo mu njili yiwe aho avuga ati: “Ubwiwe ni we yatwaye ubumuga bwacu, akikorera n’indwara zacu” (Mat. 8:17).

Kuko badashobora guhakana ivyo, bamwe bacabagomba kutwemeza yuko Yesaya yavuga ku “ndwara zo mu mpwemu” n’”ubumuga bwo mu mpwemu.” Hamwe n’ivyo, Matayo mu gusubiramwo ivyavugishijwe na Yesaya kuri 53:4 bigaragara ko vyavugwa kubw’indwara n’ubumuga bwo ku mubiri. Reka dusome n’iyi mirongo irimwo:

Ku kagoroba, bamuzanira benshi binjiwemwo n’abadayimoni; izo mpwemu mbi izirukanisha ijambo, akiza abari barwaye bose, ngw’ivyavuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya biboneke, “ng’ubwiwe ni we yatwara ubumuga bwacu, akikorera n’indwara zacu” (Mat. 8:16-17, hongeweko insobanuro).

Matayo ubwiwe yavuze yuk’ugukiza indwara Yesu yakoze kw’ar’ugushitswa kw’ivyavugishijwe na Yesaya kuri 53:4. rero nta nkeka ko Yesaya 53:4 ivuga ko Kristo yikoreye ubumuga n’indwara zacu.

[2]

Nkukw’ ivyanditswe bivuga ko Yesu yikoreye ivyaha vyacu (raba Yesaya 53:11), biravuga kandi yuko yikoreye ubumuga n’indwara zacu. Iyi ni nkuru yonezereza umurwayi wese. Kubw’ikimazi co kwitanga ubwiwe, Yesu yaduhaye agakiza no gukira indwara.

Ikibazo Cabajijwe (A Question Asked)

Ariko nimba ari vyo, bamwe barabaza, bati none ni kuki abantu bose badakira indwara? Inyishu y’ico kibazo yumvikana neza iyo dusubije ikibazo: Ni kuki abantu bose bataravuka ubwa kabiri? Ntibaravuka ubwa kabiri kuko batarumva ubutumwa bwiza canke kubera yuko banes kwizera ubutumwa bwiza. Rero, niko n’umuntu wese ategerezwa kunyakura ukwo gukira akoresheje ukwizera kwiwe ubwiwe. Benshi ntibarumva ukuri kuvuga ko Yesu yikoreye indwara zabo; abandi baravyumvise ntibavyemera.

Ukw’Imana ibona ivyerekeye indwara kwahishuwe neza ni igikorwa c’Umwana wayo, yavyivugiye ati,

N’ukuri, n’ukuri ndababwire: nta co Umwana ashobora kwigenera, atabonye Se agikora, kukw’ivyo Se akora vyose n’Umwana aca abikora kuno (Yohana 5:19).

Dusoma mu cete candikiwe Abaheburayo yuko Yesu ar’”ishusho rya kamere ka Data” (Heb. 1:3). Nta gukekeranya kuko ingene Yesu abona ivy’indwara ni ko na Se abibona.

None Yesu abibona gute? Nta na rimwe yigera kwirukana umuntu amukurikiye arondera gukira indwara, “ng’oya s’ubugombe bw’Imana ko mukira, mutegerezwa kuguma murwaye.” Yesu yama akiza abarwaye bamujeko, kandi bamaze gukira, yaca ababwira yuk’ukwizera kwabo ari kwo kwabakijije. Ikirengeye vyose, Bibiliya ivuga kw’Imana itigera ihinduka (raba Mal. 3:6) kandi ko Yesu Kristo “uko yar’ar’ejo, n’uyu musi nikw’akiri, ni kw’azokwama ibihe bidashira” (Heb. 13:8).

Gukira Kwamamazwa (Healing Proclaimed)

Ndababara kubona agakiza gakengerwa gushika aho kangana n’igikorwa co guharirwa ivyaha gusa. Arikw’ijambo ry’ikigiriki rya sobanuwe “gukizwa” hamwe n”agakiza” ryerekana yukw’atari uguharirwa icaha gusa, ariko gukira neza cane no kubohorwa.

[3]

Reka turabe umuntu muri Bibiliya yakijijwe nkuko twigishwa. Yakijijwe n’ukwizera kwiwe igihe yumva Paulo asigura mu gisagara ciwe.

Barabimenya bahungira i Lusitira n’i Derube, ibisigara vy’i Lukawoniya, no mu gihugu gihereranye na ho: bagumayo bavuga ubutumwa bwiza. I lusitira har’umugabo yar’aremaye ibirenge uhereye aho yakaviriye mu nda ya nyina , ntaho yari yigeze kutambuka. Uwo mwanya yumva Paulo avuga, nawe amuhanze amaso abona kw’afise ukwizera kwo gukizwa. Avuga n’ijwi rirenga, ati “hagarara n’ibirenge vyawe, weme”. Arabaduka, aratambuka (Ivyak. 14:6-10).

Menya yuko naho Paulo yarikw’aravuga “ubutumwa,” har’ico uyo mugabo yumvise bituma agira ukwizera kwo gukira mu mubiri. N’imiburiburi, ategerezwa kuba yarumvise Paulo avuga kuvyerekeye igikorwa ca Yesu co gukiza indwara, n’ingene Yesu yakijije umuntu wese abikeneye afise ukwizera kwo gukira. Kumbure Paulo yavuze kw’ivyo Yesaya yavugishijwe ko Yesu yikoreye indwara n’ubumuga bwacu. Ntavyo tuzi neza, ariko ko dusanzwe tuzi k’”ukwizera kuzanwa no kwumva” (Rom 10:17), ico kimuga gitegerezwa kuba carumvise ikintu kirema ukwizera mu mutima wacu. Paulo yavuze ijambo ricereka yuko Yesu adashaka ko kiguma kimugaye.

Paulo ubwiwe yarizeye k’uwo muntu agiye gukir yiwe ntiyari gushobora kuzanira nya mugabo ukwizera kuzana gukira indwara, kandi ntiyari no kubwira nya mugabo ngw’ahagarare. Mbega vyari kugenda gute iyo Paulo asigura nkukw’abasiguzi ba none babigira? Vyari kugenda gute iyo avuga ati: “Mbega Imana ntigomba kw’abantu bose bakira”? bigaherera ngaho. Uyo mugabo ntiyari kugira ukwizera kumukiza. Ngirango ni co gituma abantu benshi badakira mu mashengero ya none. Abasiguzi bategerezwa kurema mu mitima y’abantu b ukwizera gukiza indwara ni bo babaca intege.

Ubugira kandi, menya k’uyu mugabo yakize kubw’ukwizera kwiwe. Ikirengeye vyose, harashobora kuba harihw’abandi barwayi mw’ikoraniro kur’uyo musi nyene, ariko nta wundi twamva yakize indwara. Bimeze gurtyo none, n’iki catumye badakira? Usanga bisa n’icatumye har’abantu batakijijwe igihe abandi bafata ingingo yo gukizwa kur’uyo musi—kuko batizeye ubutumwa Paulo yavuga.

Ntitwigere tuvuga kw’atari ubugombe bw’Imana gukiza indwara igihe tubonye abantu badakira. Bingana no kuvuga yukw’atari ubugombe bw’Imana kw’abantu bavuka ubwa kabiri. Umuntu wese ategerezwa kwizera ubutumwa bwiza namba yifuza gukira, kandi umuntu wese ategerezwa kwizera ku giti ciwe kw’agiye gukira indwara.

Ibindi Vyemeza ko Gukira Ari Ubugombe bw’Imana

(Further Proof of God’s Will to Heal)

Mw’Isezerano rya Kera, ugukira indwara kwari mu masezerano yabaye hagati y’Imana n’ab’Isirayeli. Imisi mikeya bamaze kuva mu buja, Imana iha Isirayeri iri sezerano:

Ni mwagira umwete wo kwumvira Uhoraho Imana yanyu, mugakora ibitunganye mu nyonga ziwe mukumvira ivyagezwe vyiwe, mukitondera ivyo yihanikirije vyose, ngo Nta ndwara azobateza nk’izo yateje Abanyegiputa; ngo kukw’ari we Uhoraho abakiza indwara (Kuv. 15:26).

Umuntu wese w’imvuga kuri arashobora kwemera k’ugukira indwara kwari mw’isezerano Imana yagiranye na Isirayeli, ariko vyavana n’ukwimvira kwabo. (Tukiri ngaho nyene, Paulo yirekana neza muri 1 Korinto 11:27-31 yukw’amagara meza avana n’ingene twumvira amajambo y’Imana.)

Imana yasezeranye Isirayeli ati:

Ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe musaba, nanje nzohezagira ivyo kurya vyanyu n’amazi yanyu, kandi nzokura indwara muri mwebwe. Mu gihugu canyu nta wuzokoresha inda, nta wuzoba intavyara: Ibitigiri vy’imisi y’ukubaho kwanyu nzobishitsa, ntimuzokenyuka (Kuv. 23:25-26, hongeweko insobanuro).

Muzogira umuhezagiro gusumba ayandi mahanga yose; nti hazoba ingumba y’umugabo canke y’umugore muri mwebwe, canke mu masho yanyu. Uhoraho azobakurakw’indwara zose; ntazobateza n’imwe muri za ndwara mbi zo muri Egiputa, nk’uko muzizi, arikw’azoziteza ababanka bose (Gus. 7:14-15, hongeweko insobanuro).

Nimba hari ugukira indwara mw’Isezerano rya Kera, umuntu yokwibaza igituma vyo hara mw’Isezerano Rishasha, namba vy’ukuri Isezerano Rishasha risumba irya Kera, nkukw’ivyanditswe bibivuga:

Ariko none, igikorwa [Yesu] yahawe kirusha icabo kuba ciza, nk’ukw’ar’umuhuza w’isezerano riruta iryabo, kuko ryashizweho n’ivya sezeranywe biruta ivyabo (Heb. 8:6, hongeweko insobanuro).

Haracariho Ibindi Vyemezo (Yet Further Proof)

Bibiliya yuzuyemw’ivyanditswe vyemeza cane yukw’ari ubugombe bw’Imana gukiza abantu indwara. Reka mvuga bitatu biruta ibindi:

Mutima wanje, himbaza Uhoraho; namwe ibimbamwo vyose, muhimbaze izina ryiwe ryera. Mutima wanje himbaza Uhoraho; Ntiwibagire ivyiza yakugiriye vyose. Niwe aharira ibigabiranyo vyawe vyose, agakiza indwara zawe zose (Zab. 103:1-3, hongeweko insobanuro).

Har’umukristo yohaririza Dawidi kuko yavuze yukw’Imana iharira ibigabitanyo vyacu vyose? Hamwe n’ivyo, Dawidi yizeye kandi kw’Imana ikiza indwara zacu—zose.

Mwana wanje, shira umutima ku majambo yanje, Tega ugutwi ukuvuga kwanje, Ntibikave imbere y’amaso yawe, Bizigamire imbere mu mutima wawe. Kuko bibera ubugingo ababironka, No kunonoka mu mibiri yabo yose (Imig. 4:20-22, hongweko insobanuro).

Muri mwebwe namba har’uwurwaye, n’atume kw’abashingantahe b’ishengero, baze kumusengera, bamusige amavuta ya elayo mw’izina ry’Umwami wacu. Kand’ugusenga gufatanije n’ukwizera kuzokiza umurwayi, Umwami azomuvyura: kand’asanzwe yarakoze ivyaha azobiharirwa (Yak. 5:14-15, hongeweko insobanuro).

Menya kw’iri sezerano rya nyuma rihawe uwurwaye wese. Kandi menya neza yukw’atar’amavuta cank’abarongozi bazana gukira ariko n’”ishengesho ryo kwizera.”

N’ukwizera kw’abarongozi cank’umurwayi? Ni ukwizera kwabo bompi. Ukwizera kw’umuntu arwaye kurakenerwa, n’ahw’ar’igice, kuko yatumyeko abashingantahe bo mw’ishengero. Uy’umuntu arwaye ataba yizera ntiyari kurinda gutumakw’abarongozi bamusenger nkuko Yakobo yavyise “isengesho ryo kwemeranya” ari na ryo Yesu yavuze muri Matayo 18:19. Impande zompi zitegerezwa “kwemeranya” m’ubu bwoko bw’isengesho. Igihe umuntu umwe yizeye uwundi ntiyizere, ntibaba bemeranye.

Turaziko hari ibindi vyanditswe bivuga kw’indwara ziterwa na Satani (raba Yobu 2:7; Luka 13:16; Ivyak. 10:38; 1Kor. 5:5). Birumvikana kw’Imana itegerezwa kurwanya igikorwa ca Satani mu mibiri y’abana bayo. Data aradukunda kuruta uk’umuvyeyi wo kw’isi ashobora gukunda umwana wiwe (raba Mat. 7:11), kandi nta muvyeyi ndumva yifuza kw’abana biwe barwara.

Igikorwa cose co gukiza indwara Yesu yakoze akiri kw’isi, hamwe n’ugukira indwara tubona mu vyakozwe n’intumwa, bitegerezwa kudutera intege zo kwizera ko Data agomba ko tugira amagara meza. Yesu yakiza cane abantu baza kuri we ngw’abakize, kandi yisunga ukwizera kwabo mu kubaha igitangaza cabo. Bisigura ko Yesu atarobanuye ku butoni abantu akiza. Umurwayi wese ashoboye kuza kuri Yesu mu kwizera gukira indwara yarakira. Yifuza gukiza bose, arikw’ico yabasaba ni kwizera gukiza indwara.

Inyishu ku Mpari Tumenyereye Kwumva

(Answers to Some Common Objections)

Kumbure impari tumenyereye zizanwa n’ugusoma nabi ijambo ry’Imana. Kenshi abantu biyumvira ngo: “Ndaz’umukristo mwiza yasengewe gukira indwara yitwa cancer, aca arapfa. Bisigura kw’atari ubugombe bw’Imana ko bose bakira indwara.”

Ntitukagerageze kuvuga kw’ikintu ar’ubugombe bw’Imana cank’atari bwo shiti ijambo ryayo ribitwemereye. Akarorero, wosubira muri kahise ukaraba ingene ab’Isirayeli bajarajara mu bugararwa imyaka mirongine kand’igihugu gitembamw’amata n’ubuki cari hirya y’uruzi, wovuga kw’Imana itashaka kw’ab’Isirayeli binjira igihugu c’isezerano. Arik’utahuye Bibiliya usanga atariko vyari bimeze. Bwar’ubugombe bw’Imana ko Isirayeli yinjira igihugu c’isezerano, ariko bananiwe kubera ukutizera kwabo (raba Heb. 3:19).

Non’abantu bamaze kuja muri Gehinomu bobo? Bw’ar’ubugombe bw’Imana ko binjira mw’ijuru, ariko ntibashikije ibisabwa vy’ukwihana no kwizera Umwami Yesu. Natwe, rero, ntidushobora kuvuga ubugombe bw’Imana bwo gukiza indwara mu guhitamwo abakwiriye gukira cank’abatabikwiriye. Igihe umukristo yisabiye gukira ntakire buno nyene, ntibisigura yukw’atar’ubugombe bw’Imana kw’akira. Namba uyo mukristo akwije ibisabwa n’Imana, arashobora gukira, bitabaye Imana yoba ibesha. Igihe vyanse ko dukira tugaca duta imirarwe ku Mana tuvuga yukw’atari ubugombe bw’Imana ko dukira, ntaho dutandukaniye n’abatizera bab’Isirayeli bapfiriye mu bugararwa bivugisha yukw’atar’ubugombe bw’Imana ko binjira mu gihugu casezeranywe. Harageze ko duhisha ubwibone bwacu mu kwemera yukw’ari twebwe dukwiriye kugawa.

Nk’uko navuze mu gice giheruka ku vyerekeye kwizera, abakristo benshi b’ukuri barangiza nabi amasengesho yabo igihe basaba gukira indwara mu gukoresha ijambo risenyura ukwizera ngo, “Ubugombe bwawe bukoreke.” Ivyo vyerekana ko badasenga mu kwizera kuko batazi neza ubugombe bw’Imana. Igihe dusaba gukira indwara, ubugombe bw’Imana burazwi neza, nkuko tumaze kubibona. Igihe uzi yukw’Imana igomba kugukiza, ntukeneye kwongerako “ubugombe bwawe bube” namba ugomba gukira. Bisa no kubwira Umwami ngo, “Mwami ndazi ko wasezeranye kunkiza indwara, ukaba warik’urabesha naho, ndagusavye unkize indwara niyo vyotubirana n’ubugombe bwawe.”

Kandi Imana irashobora guhana abizera batumvira mu kurekurira ivyaha kubinjira mwo, gushika n’aho arekurira urupfu giturumbuka kubahitana igihe runaka. Abo bizera bakwiye kwihana imbere yo kuronka ugukira indwara (raba 1 Kor. 11:27-32). Har’abandi, bafata minenerwe imibiri yabo, bigatuma barwara. Abakristo bategerezwa kugira ubwenge bukwiye bwo gucungera amagara yabo, kurya neza ata kurenza urugero, kugira imyimenyerezo, no kuruhuka ukuri kwamye.

Impari ya Kabiri Tumenyereye (A Second Common Objection)

Birakunda kuvugwa kenshi ko “Paulo yar’afise ihwa mu mubiri Imana yanse kumukiza.”

Iciyumviro kivuga kw’ihwa rya Paulo ari indwara, ni kibi kuko Paulo ubwiwe ntavuga ubwoko bw’iryo hwa—intumwa ya Satani:

Kandi kugira ngo noye guterwa kwishira hejuru birenze urugero, mbitewe n’uko nahishuriwe ibirushiriza kuba ibihambaye, ni co catumye mparwa igisata mu mubiri, intumwa ya Satani —yo kunkubita ibipfunsi, ngo noye guterwa kwishira hejuru birenze urugore. Kandi kur’ivyo natakambiye Umwami wacu gatatu ngo kimvemwo. Arambarira, at’”Ubuntu bwanje buraguhagije; kuk’ubushobozi bwanje buhingurirwa mu ntege nke. Nuko na canecane nzonezerwa kwirata intege zanje nke, ng’ubushobozi bwa Kristo bunzeko (2 Kor. 12:7-9, dushimikiye ku nsobanuro).

Ijambo intumwa ni jambo ry’Ikigiriki “aggelos,” risobanura umumarayika cank’abamarayika incuro zirenga 160 mw’Isezerano Rishasha. Ihwa Paulo yagendana yari intumwa ya Satani yarungitswe kumukubita ibipfunsi; s’indwara cank’ubumuga.

Menya kandi kw’ata hantu havuga isengesho rya Paulo asaba gukira Imana yanse kwishura. Gatatu kose, Paulo yarasavye Imana ku mukuriraho uwo mumarayika wa Satani, maze Imana imubwira k’ubuntu bwayo bumuhagije.

Mbega ni nde yashize ihwa muri Paulo? Har’abizera yukw’ari Satani, kukw’ihwa ryiswe “umumarayika wa Satan.” Abandi bizera kwar’Imana kukw’ihwa ryashizwe muri Paulo kugira ngo ntiyishime birenze urugero. Paulo ubwiwe avuga ngo, “kugira ngo si nterwe no kwishira hejuru.”

Bibiliya yitwa King James isobanura iyi mirongo mu buryo butandukanye. Aho kuvuga, “ngo noye guterwa kwishira hejuru,” ivuga, “kugira ngo noye gushirwa hejuru birenze urugero.” Iyi ni nsobanuro ikomeye kukw’Imana utarwanya gushirwa hejuru kwacu. Kanatsinda, yaradusezeranye kudushira hejuru ni twicisha bugufi. Rero biboneka yukw’Imana ubwayo ni yo ishira hejuru hanyuma Satani akarwanya ukwo gushirwa hejuru mu gushira muri Paulo umumarayika amukubita ibipfunsi mu guteza Paulo intambara aho aciye hose. Arikw’Imana iramubwira kw’izokoresha ivyo bihe ku bwo kwihesha icubahiro kandi k’ubushobozi bwayo bazorushirizaho kugaragarira mu bugingo bwa Paulo nk’umuti w’intege nke ziwe.

Hamwe n’ivyo, kuvuga ko Paulo yar’arwaye kandi kw’Imana yanse kumukiza n’ukwonona ico Bibiliya yigisha. Ku gice cerekana ihwa mu bugingo bwiwe, Paulo ntaho yigeze avuga ivy’indwara, kandi nta kintu cerekana kw’Imana yanse kumukiza iyo ndwara. Igihe umuntu w’imvugakuri asoma ivyo Paulo yanditse ku ntambara ziwe muri 2Korinto 11:23-30, ntashobora kubona iho yanditse ivy’indwara.

Insobanuro Itangwa kur’Ico Cigwa (An Elaboration on the Same Theme)

Hari abanka insobanuro natanze ku hwa rya Paulo, bavuga ngo, “Paulo ubwiwe yabwiye ab’i Galatiya ko yar’afise indwara igihe yababwira ubutumwa bwiza? Ntiyarikw’avuga ihwa ryo mu mubiri wiwe?”

Ng’ibi ivyo Paulo yanditse mu cete ciwe ku b’i Galatiya:

Ariko murazi yukw’amagara make y’umubiri ari yo yatumye mbabarira ubutumwa bwiza ubwa mbere: kand’ivya bagerageza kubw’umubiri wanje ntimwabitituye, ntimwaciriye inyeri, ariko mwanyakiriye nk’umumarayika w’Imana, canke nka Kristo Yesu (Gal. 4:13-14).

Ijambo ry’ikigiriki ryasobanuwemwo indwara ngaha ku b’i Galatiya 4:13 ni asthenia, risobanura “intege nke.” Rishobora gusobanura intege nke kubera indwara, ariko si ngombwa.

Akarorero, Paulo yanditse ati, “intege nke z’Imana zirusha abantu inkomezi” (1 Kor. 1:25, dushimikiye ku nsobanuro). Ijambo ryasobanuwe intege nke ngaha ni asthenia. Ntivyari kwumvikana na gato iy’abasobanuzi basobanura ngo “indwara y’Imana irusha inkomezi abantu.” (Raba na Mat. 26:41 hamwe na 1Pet. 3:7, ahw’ijambo asthenia risobanurwa intege nke ariko ntirisobanurwe nk’ indwara).

Igihe Paulo yagendera Galatiya, nkuko bivugwa mu vyakozwe n’intumwa, ntaho tubona ko yarwaye. Handitse, yuko yatewe amabuye ahakwa gupfa, kandi yabaye nk’uwuzutse canke yongewe kabaho ku gitangaza (raba Ivyakozwe n’intumwa 14:5-7, 19-20). Nta nkeka k’umubiri wa Paulo, amaze guterwa amabuye agahakwa gupfa, wategerezwa kugira inguma n’imishishagu hose.

Paulo ntiyarwaye igihe yar’i Galatiya yobera ikigeragezo ku bamwumvira. Ahubwo, umubiri wiwe watewe intege nke n’amabuye yatewe. Birashoboka, yuko yaragifise ibimwibutsa i Galatiya igihe yandikira ab’i Galatiya iki cete, kuko yarangije kur’aya majambo:

Uhereye none ntihakagire umuntu angora, kuko mfise ku mubiri inkovu za Kristo (Gal. 6:17).

Iyindi Mpari: “Mbabajwe kubw’Icubahiro c’Imana”

(Another Objection: ”I’m Suffering for the Glory of God”)

Iyi mpari ishingiye ku murongo uvuga inkuru y’izuka rya Lazaro mu kuvuga yuko indwara ziza kubw’icubahiro c’Imana. Yesu yavuze kuri Lazaro ati:

Yesu avyumvise aravuga, at’Iyo ndwara s’iyo kumwica, ariko n’iyo gushimagirisha Imana, kugira ngo n’Umwana w’Imana imushimagize (Yohana 11:4).

Yesu ntiyavuze kw’Imana ishimagizwa n’indwara ya Lazaro, ahubwo kw’Imana izoshimagizwa igihe Lazaro ikize indwara no kuzurwa mu bapfuye. Mu yandi majambo, iyo ndwara yategerezwa kurangizwa n’urupfu, ahubwo kw’Imana ishimwagizwa. Imana ntishimagirizwa mu ndwara; ishimagirizwa mu gukira. (Raba Mat. 9:8; 15:31; Luka 7:16; 13:13 na 17:15, ah’ugukira indwara bizanira Imana icubahiro.)

Iyindi Mpari : “Paulo Yavuze ko Yasize Torofimu Arwaye i Mileto”

(Another Objection: ”Paul Said He Left Trophimus Sick at Miletum”)

Nisanze ndiko nandika iri jambo ndi mu budagi. Igihe nava mu gisagara c’iwacu muri Amerika indwi iheze, nasize abantu benshi inyuma yanje barwaye. Nasize ibitaro vyuzuye abarwayi. Arikw’ivyo ntibisigura kw’Imana itagomba kw’abo bantu bakira indwara. Kuko Paulo yasize umuntu umwe arwaye mu gisagara yagendeye ntibisigura kw’Imana itagomba k’uyo muntu akira. Amasinzi y’abantu badakijijwe Paulo yasize inyuma yiwe yoyo? Mbega birashobora kwemeza yukw’atari ubugombe bw’Imana kwakira? Namba na gato.

Iyindi Mpari: “Mbaye nka Yobu!” (Another Objection: ”I’m Just Like Job!”)

Umwami ahimbazwe! Wosoma iherezo ry’inkuru ya Yobu, usanga yarakize. Ntibwar’ubugombe bw’Imana ko Yobu aguma arwara. Inkuru ya Yobu yerekana k’ubugombe bw’Imana ari ugukira.

Iyindi Mpari : Paulo Ahanura Timoteyo ku Ndwara yo Munda

(Another Objection: Paul’s Advice to Timothy About His Stomach)

Turazi ko Paulo yabwiye Timoteyo gufata ka vino gakeya kubera indwara yo mu nda no kuribwa gutandukanye (raba 1Tim. 5:23).

Mu bisanzwe, Paulo yabwiye Timoteyo kutabandanya anywa amazi gusa atangure kunywa vino nkeya kubera kuribwa mu nda. Ibi vyerekana ko har’ikintu kitameze neza mu mazi. Biragaragara, igihe unywa amazi atari meza cane, utegerezwa guhagarika ugaca utangura kunywa ikindi kintu, ahandi ho uzogira ingorane zo mu nda nka Timoteyo.

Iyindi Mpari: “Yesu Yakiza Kugirango Yerekane Ubumana Bwiwe Gusa.”

(Another Objection: ”Jesus Only Healed to Prove His Deity.”)

Hari abantu bagomba kutwemeza yuko Yesu yakiza indwara kugira yerekane ubumana bwiwe gusa. Rero ubu k’ubumana bwiwe bumaze kumenyekana, nta cotuma akiza abantu.

Ivyo si vyo. Birazwi kw’ibitangaza vya Yesu vyerekana ubumana bwiwe, ariko s’ico gusa catuma Yesu akiza abantu igihe yar’akiri kw’isi. Kenshi cane Yesu yarabuza abantu kuvuga uwabakijije (raba Mat. 8:4; 9:6, 30; 12:13-16; Mariko 5:43; 7:36; 8:26). Namba Yesu yakiza abantu kugira ngo yerekane ubumana bwiwe, yari guca abwira abo akijije ko babwira abantu bose uwa bakijije.

None Yesu yatumwa n’iki gukiza indwara? Kenshi cane ivyanditswe bivuga ko “ yabikoreshwa n’umutima w’ikigongwe” (raba Mat. 9:35-36; 14:14; 20:34; Mariko 1:41; 5:19; Luka 7:13). Icatuma Yesu akiza w’ar’umutima wo gukunda abantu kandi yari yuzuye imbabazi. None imbabazi za Yesu zaragabanutse kuva ahejeje igikorwa co kw’isi? Urukundo rwiwe rwaragabanutse? Oya na gato!

Iyindi Mpari: “Imana Igomba ko Ngwara ku Ntumbero Kanaka.”

(Another Objection: ”God Wants Me to be Sick for Some Reason.”)

Ivyo ntibishoka iyo turavye ivyanditswe tumaze kubona. Namba utarashika aho wemera, birashoboka kw’Imana irekurira indwara ku kwinnjira mwo bigutume wihana. Ariko n’ubu menya k’ubugombe bwiwe atar’uko uguma urwaye. Igomba ko wihana ubone gukira.

Vyongeye, Imana igomba k’urwara, none ni kuki uja ku bavuzi no kunywa imiti, ntuba ushaka gukira? Uba ushaka kuva mu “bugombe bw’Imana?”

Impair ya Nyuma: “None Tutarwara, Twopfa Gute?”

(A Final Objection: ”If We Never Suffer Disease, How Will We Die?”)

Turazi yuko Bibiliya yigisha kw’imibiri yacu yononekara (raba 2Kor. 4:16). Nta kintu twokora gishobora kubuza imvi kuza ku mutwe n’ugusaza kw’imibiri yacu. Mu bisanzwe ukubona no kwumva kwacu ntibiguma uko vyamye tukiri imiyabaga. Ntuba tuciruka nkuko twiruka. Imitima yacu ntiguma ikomeye nkuko yar’imeze kera. Tugenda dushira.

Ariko ntibisobanura ko dutegerezwa kwicwa n’indwara cank’ubumuga. Imibiri yacu irashobora gusaza gushika aho ihera, kandi bishitse, impwemu zacu ziva mu mibiri igihe Imana iduhamagaye tukaja i wacu mw’ijuru. abizera benshi bapfuye gurtyo. Weho ico bibuza n’igiki?

 


[1]

Mu mashengero amwe amwe muri Amerika, umukozi atanze iki cigwa aba akweze intambara mu bakristo. Yesu, na wenyene, yararwanye intambara n’abatizera vyazibiye igikorwa ciwe co gukiza indwara (raba Mariko 6:1-6).

[2]

Mu kwegeraniza hamwe ikintu cose gituma bumira ku vyizerwa vyabo, bamwe bagerageza kutwumvisha yuko Yesu yashikije vyose vyavuzwe muri Yesaya 53:4 mu gukiza abantu muri rya joro i Kapernawumu. Ariko Yesaya yavuze ko Yesu yikoreye indwara zacu, yashishaguwe kubera ivyaha vyacu (gereranya na Yes. 53:4 na 5). Yesu yikoreye icaha ca wa muntu yashishaguriwe. Rero, Matayo yariko yerekana kw’igikorwa ca Yesu co gukiza igihe yari i Kapernawumu kwari ukwemeza kw’ari we Mesiya yavuzwe muri Yesaya 53, umwe yikorera ivyaha n’indwara zacu.

[3]

Akarorero, Yesu yabwiye wa mugore yakiza ubutinyenka, “Mukobwa wanje, ukwizera kwawe kwagukijije (Mariko 5:34). Ijambo ry’ikigiriki ryasobanuwe “gukira” kur’uyu murongo ni “sozo” kandi ahandi mw’Isezerana Rishasha risobanura “gukizwa” “gukira” incuro nyinshi mw’isezerana rya Rishasha, akarorero, iryo jambo nyene “gukizwa” mu Banyefeso 2:5, “Ubuntu ni bwo badukijeje kubwo kwizera.” Rero turabona ko ugukira indwara kuri mu nsobanuro y’ijambo ry’Ikigiri rivuga “gukizwa.”