Ukuri Dusanga Muri-Kristo (In-Christ Realities)

Igice ca Cumi n’Icenda (Chapter Nineteen)

Mu vyete vy’Isezerano Rishasha vyinshi, dusanga ijambo “muri Kristo,” “hamwe na Kristo,” “kubwa Kristo” no “muri We.” Vyerekana inyungu dufise kuber’ivyo Yesu yakoze ku bwacu. Igihe twiraba nk’ukw’Imana itubona, “muri Kristo,” bituma tubaho nk’ukw’Imana ishaka. Umukozi agira abigishwa ategerezwa kwigisha abigishwa biwe ico bari co muri Kristo kugira bibafashe gushikira ukunengesera kwose.

Ica mbere, bisigura iki kuba “muri Kristo?”

Igihe tuvutse ubwa kabiri, twinjizwa mu mubiri wa Kristo tugahindurwa umwe na we, mu mpwemu. Reka twihweze imirongo y’ivyete vyo mw’Isezerano Rishasha ivyemeza:

Natwe ni ko turi; turi benshi, kandi tur’umubiri umwe muri Kristo (Rom. 12:5, dushimikiye ku nsobanuro).

Arik’uwumatanije n’Umwami wacu aba abaye impwemu imwe na we (1 Kor. 6:17, dushimikiye ku nsobanuro).

Namwe mur’umubiri wa Kristo, kand’umuntu wese wo muri mwebwe ni urugingo rwawo (1 Kor. 12:27, dushimikiye ku nsobanuro).

Twebwe twizeye Umwami Yesu Kristo dutegerezwa kumenyako twafatanijwe hamwe na we, ingingo z’umubiri wiwe n’impwemu imwe na we. Ari muri twebwe natwe turi muri we.

Uyu murongo utubwira inyungu dufise muri Kristo:

Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubwenge buva ku Mana, n’ukugororoka n’ukwezwa n’ugucungurwa (1 Kor. 1:30, dushimikiye ku nsobanuro).

Muri Kristo, twarahawe ukugororoka ( “twabiswe izera” kand’ubu dukora ibitunganye), twarejejwe (twashizwe iruhande dukoreshwe ivyera vy’Imana), no gucungurwa (twaraguzwe ngo tuve mu buja). Ntiturindiriye kuronka ukugororoka, ngo twezwe canke tuzocungurwe muri kazoza. Ahubwo, dufise iyo migisha ubu nyene kuko turi muri Kristo.

Ivyaha twakoze kera vyarahariwe muri Kristo:

Yadukijije ububasha bw’umwiza, atwimurira mu bwami bw’Umwana wiwe akunda. Mur’uwo ni ho dufise gucungurwa, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu (Kol. 1:13-14, dushimikiye ku nsobanuro).

Menya k’uk’icanditswe kivugako tutakiri mu bwami bwa Satani, ubwami bw’umwiza, arik’ubu turi mu bwami bw’umuco, ubwami bwa Yesu.

Nuko rer’umuntu wese iy’ari muri Kristo, aba ar’icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha (2 Kor. 5:17, dushimikiye ku nsobanuro).

Imana nishimwe kuk’ukurikiye Kristo, aba uhindutse “icaremwe gisha,” nka ka gakoko gadihindukamwo ikinyugunyugu! Impwemu yawe ihabwa kamere gashasha. Kera warufise karahise.”

Imigisha yo muri Kristo (More Blessings in Christ)

Mwese mur’abana b’Imana kubwo kwizera [muri] Kristo Yesu (Gal. 3:26, dushimikiye ku nsobanuro).

Mbega ntibiryoshe kumenyako tur’abana b’Imana, twavyawe na Mpwemu wiwe? Igihe tuje kuri we mu gusenga, ntituyegera nk’Imana yacu gusa ariko nka Data!

Kuko tur’ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera nga tubigenderemwo(Efe. 2:10, dushimikiye ku nsobanuro).

Imana ntiyapfuye kuturema, yaturemeye kandi muri Kristo. Ikirengeye, Imana yarateguye igokorwa umwe wese ategerezwa gushitsa, “ibikorwa vyiza…. Yateguye kera.” Twese dufise ico Imana yaduteguriye gukora.

Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubwacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana (2 Kor. 5:21, dushimikiye ku nsobanuro).

Ukugororoka dufise kuko turi muri Kristo n’ukugororoka kw’Imana ubwayo. Kukw’Imana yagerereye muri twebwe kandi aduhindura biciye muri Mpwemu Yera wiwe. Ibikorwa vyacu vyiza ni ibikorwa vyiza Imana ikorera muri twebwe.

Ariko mur’ivyo vyose turushirishwaho kunesha n’uwadukunze (Rom. 8:37, dushimikiye ku nsobanuro).

“Ivyo vyose” Paulo yanditse ni ibiki? Umurongo ur’imbere y’uyu werekana kw’ar’intambara n’ibigeragezo abizera bacamwo. N’igihe co kwicwa kubwiwe tuguma tunesha, n’ah’isi yiyumvira ko twahasize ubuzima. Tubatunesheje muri Kristo kuko n’iyo dupfuye, tuja mw’ijuru!

Nshobozwa vyose n’uwumpa inkomezi (Fil. 4:13, dushimikiye ku nsobanuro).

Muri Kristo, nta kidashoboka kuri twebwe kukw’Imana iduha inkomezi. Turashobora gukora ico adutumye cose.

Kand’Imana yanje izobamara ubukene bwanyu bwose, nk’ukw’itunga ry’ubwiza ryayo riri muri Kristo (Fil. 4:19, dushimikiye ku nsobanuro).

Turashobora kwizera kw’Imana yishura imitwaro yacu igihe tubanje kurondera ubwami bwayo. Umwami ni we mwungere wacu, kandi yitwararika intama ziwe!

Kwemeranya n’Ic’Imana Ivuze (Agreeing With What God Says)

Bamwe muri twebwe, ntibemera ic’Imana ivuga kuri twebwe, nk’uko tuvyumva mu majambo yabo arwanya ico Bibiliya ivuga. Aho kuvuga, “ngo Nzobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi” tuvuga, “ngo Sinzi ko nobishobora.”

Amajambo nk’ayo ni yo Bibiliya yita “inkuru mbi” kukw’arwanya ic’Imana yavuze (raba Guh.13:32). Iy’imitima yacu yuzuye ijambo ry’Imana, tuzokwuzura ukwizera, tukizera no kuvuga ico ivyanditswe bivuga gusa.

Imvugo za Bibiliya (Some Biblical Declarations)

Dutegerezwa kwizera no kuvugako tur’ic’Imana ivuga ko turi.

Dutegerezwa kwizera no kuvugako dushoboye ic’Imana ivugako dushoboye.

Dutegerezwa kwizera no kuvugakw’Imana ari ic’ivugakw’iri.

Dutegerezwa kwizera no kuvugakw’Imana izokora ico yavuzekw’izokora.

Ng’aya majambo yemewe n’ivyanditswe uwizera wese ashobora kwatura. Yose ntari m’ukuri dusanga “muri Kristo”, ariko yose yemeranya n’ivyanditswe.

Naracunguwe, ndezwa kandi ndonka ukugororoka mur Kristo (raba 1 Kor. 1:30).

Narakuwe mu bwami bw’umwiza nimurirwa mu bwami bw’Umwana w’Imana, ni bwo bwami bw’umuco (raba Kol. 1:13).

Ivyaha vyanje vyose vyarahariwe muri Kristo (raba Efe. 1:7).

Nd’icaremwe gisha muri Kristo—ubuzima bwa kera bwarahise (raba 2Kor. 5:17).

Imana yateguye kuva kera ibikorwa vyiza ngenderamwo (raba Efe. 2:10).

Nagizwe ukugororoka kw’Imana muri Kristo (raba 2Kor. 5:21).

Nesha vyose kubwa Kristo yankunze (raba Rom. 8:37).

Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi (raba Fil. 4:13).

Imana imara ubukene bwose nk’ukw’itanga ry’ubwiza bwayo riri muri Kristo (Fil. 4:19).

Nahamagariwe kuba uwera (raba 1Kor. 1:2).

Nd’umwana w’Imana (raba Yohana 1:12, 1Yohana 3:1-2).

Umubiri wanje ni ingoro ya Mpwemu Yera (raba 1Kor. 6:19).

Si jewe nkiriho, ariko ni Kristo aba muri jewe (raba Gal. 2:20).

Narakuwe musi y’ububasha bwa Satani (raba Ivyak. 26:18).

Urukundo rw’Imana rwasutswe mu mutimwa wanje na Mpwemu Yera (raba Rom. 5:5).

Uwuri muri jewe aruta uwuri (Satani) mw’isi (raba 1Yohana 4:4).

Nahezagiwe n’imihezagiro yose yo mw’isi ya mpwemu muri Kristo (raba Efe. 1:3).

Nicaranye na Kristo mw’ijuru, hejuru y’ububasha bwose bwa Satani (raba Efe. 2:4-6).

Kuko nkunda Imana kandi nahamagawe n’ugushaka kwiwe, ituma ibintu byose bikoranira hamwe nkunzanira ivyiza (raba Rom. 8:28).

Imana iri mu ruhande rwanje, uwongwanya ni nde? (raba Rom. 8:31).

Ntaco ntandukanya n’urukundo rwa Kristo (raba Rom. 8:35-39).

Ibintu vyose biranshobokera kuko nizera (raba Mariko 9:23).

Nd’umuherezi w’Imana (raba Ivyah. 1:6).

Kubera yuko nd’umwana wayo, Imana inyoboza Mpwemu wayo (raba Rom. 8:14).

Igihe nkurikira Umwami, intambuko z’ubuzima bwanje ni nk’umuco (raba Imig. 4:18).

Imana yampaye ingabire zidasanzwe ngo ndayikorere (raba 1Pet. 4:10-11).

Ndashobora gusenda abadayimoni no kurambika ibiganza vyanje ku barwaye bagakira indwara (Mariko 16:17-18).

Imana inyoborera mu kunesha muri Kristo (raba 2Kor. 2:14).

Nserukira Kristo (raba 2Kor. 5:20).

Mfise ubugingo budashira (raba Yohana 3:16).

Ikintu cose nsaba mu gusenga, mu kwizera, ndagihabwa (raba Mat. 21:22).

Kubw’imishishagu ya Yesu, naronse gukira (raba 1Pet. 2:24).

Nd’umunyu n’umuco w’isi (raba Mat. 5:13-14).

Nd’umuraganwa na Yesu Kristo (raba Rom. 8:17).

Nd’ubwoko bwatoranijwe, umwami n’umuherezi, ihanga ryera, n’umuragwa w’Imana (raba 1 Pet. 2:9).

Nd’urugingo rw’umubiri wa Kristo (raba 1Kor. 12:27).

Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena (raba Zab. 23:1).

Uhoraho ni we amburanira—notinya nde? (raba Zab. 27:1).

Imana izompaza imisi yo kubaho (raba Zab. 91:16).

Kristo yikoreye indwara n’imibabaro yanje (raba Yes. 53:4-5).

Uhoraho aramfasha, ntaco nsotinya (raba Heb. 13:6).

Nikoreje Uhoraho amaganya yanje na we aranyitwararika (raba 1 Pet. 5:7).

Ngwanya wa Mubi, na we arampunga (raba Yak. 4:7).

Ndokora ubugingo bwanje mu kubuheba kubwa Kristo (raba Mat. 16:25).

Nd’umuja w’Umwami (raba 1Kor. 7:22).

kubwanje, kubaho ni Kristo, no gupfa ni nyungu (raba Fil. 1:21).

Umurwa wanje uri mw’ijuru (raba Fil. 3:20).

Imana izosozera igikorwa ciza yatanguye muri jewe (raba Fil. 1:6).

Imana ikorera muri jewe, ngw’ishitse ubugombe bwayo (raba Fil. 2:13).

Nacunguwe umuvumo w’ivyagezwe (raba Gal. 3:13).

Utu ni uturorero dukeya twerekana ingene dushobora kwatura neza mu kwisunga ijambo ry’Imana. Vyokubera vyiza kwimenyereza kwama watura ayo majambo ni ho uko kuri gutsimbatara mu mutima wawe. Twame dusuzuma ijambo ryose rituva mu kanwa ntidusange turiko turwanya ic’Imana yavuze.