Iduzwa n’Ibihe vy’Iherezo (The Rapture and End Times)

Igice ca Miringwibiri n’Icenda (Chapter Twenty-Ni

Igihe Yesu yagendera kw’isi mw’ishusho ry’umwana w’umuntu, yabwiye abigishwa biwe kw’agiye ariko azogaruka kubajana. Agarutse, azobajana mw’ijuru (ic’abakristo bita “iduzwa”). Akarorero, ijoro ry’imbere yo kubambwa, Yesu yabwiye abigishwa biwe cumi na babiri:

Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana nanje munyizere. I muhira kwa Data har’amazu menshi, iy’aba atariho, mba ndabibabwiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu. Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngw’aho ndi abe ari ho muba (Yohana 14:1-3, dushimikiye ku nsobanuro).

Umengo Yesu yababwiye kwazogaruka bakiri kw’isi. Kanatsinda, inyuma yokwumva ivyo Yesu yababwiye, baciyebishiramwo ko Yesu agiye kugaruka vuba cane kandi kw’azosanga bakiri kw’isi.

Yesu yama agabisha abigishwa biwe abasaba kwama biteguriye uku garuka kwiwe (raba, Mariko 24:42-44).

Ukugaruka kwa Yesu mu Vyete vya Bibiliya

(Jesus’ Imminent Return in the Epistles)

Intumwa zanditse ivyete mw’Isezerano Rishasha zizerako Yesu agiye kugaruka abasomyi babo bakiri kw’isi mur’ico kinjana ca mbere. Akarorero, Yakobo yanditse ati:

Nuko bene Data, mwihangane mushitse ah’Umwami Yesu azozira. Eh’umurimyi arorera imirima myiza, ayirindira yihanganye, gushits’ah’izoronkera imvura y’agatasi n’iy’urushana. Nuko namwe mwihangane, mureme mu mitima, kuk’ukuza kw’Umwami kuri hafi. (Yak. 5:7-8, dushimikiye ku nsobanuro).

Yakobo ntiyari kubwira abasomyi biwe kwihangana bashitse ah’Umwami azozira kand’aziko bitazoba bakiri kw’isi. Yarizera yuko ukugaruka kw’Umwami kuri“hafi cane.” Yakobo yanditse ico cete igihe ishengero ryariko rirahamwa (raba Yak. 1:2-4), igihe abizera bifuza cane k’Umwami wabo agaruka.

Nk’uko nyene, Paulo yarizeye ko Yesu azogaruka igihe benshi muri bo bakiri kw’isi:

Ariko bene Data, ntitugomba ko muyoberwa ivy’abasinzira itiro ry’urupfu, ngo ntimubabare nka ba bandi badafise ivyizigiro. Uko twizera yuko Yesu yapfuye akazuka, abe ari ko twizera yukw’abasinziriye muri yesu, Imana izobazanana na we. Iki ni co tubabwira, n’ijambo ry’Umwami twashikirijwe, yuko twebwe abazoba bakiriho, dusigaye gushitsa ku kuza kw’Umwami wacu, tutazokwitangira imbere y’abasinziriye na gatoya. Kuk’Umwami wacu ubwiwe ubwiwe azoza, amanutse avuye mw’ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana. Maz’abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka; maze natwe abazobabakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa na bo mu bicu, dusanganire Umwami mu kirere. Ni ho tuzokwama tubana n’Umwami. Nuko mwiruranishe ayo majambo (1 Tes. 4:13-18, dushimikiye ku nsobanuro).

[1]

 

Ibi biduha kumenya yukw’igihe Yesu azogaruka ava mw’ijuru, imibiri y’abakristo bamaze kwitaba Imana izozuka, hamwe n’abazoba bakiriho “bajanwe gusangira Umwami mu bicu” (Iduzwa). Kubera ko Paulo yavuze yuko Yesu azozanana n’abapfiriye “muri we,” dushobora kuvugako kw’iduzwa, impwemu z’abizera zizosubira mu mibiri yabo yazutse imbere yo gusanganira Umwami.

Petero nawe nyene yizerak’ukugaruka kwa Kristo kwari hafi igihe yandika icete ciwe ca mbere:

Nuko nyene mukenyere mu mitima yanyu, mwirinde ibiboreza, mwizigire rwose ubuntu muzozanirwa mu kuzohishurwa kwa Yesu Kristo….Arik’umuhero wa vyose uri hafi; nuko ntimuhugumbe, mwirinde, kugira ngo mubone uko mushishikara gusenga….ariko ni munezererwe n’uko mufatanije n’imibabaro ya Kristo, kugira ngo no mu gihe co guhishurwa kw’ubwiza bwiwe muze munezererwe muhimbarwe (1 Pet. 1:13, 4:7, 13, dushimikiye ku nsobanuro).

[2]

 

Igihe Yohana yandikiye amashengero, yizerakw’iherezo riri hafi n’ukw’abasomyi biwe bazobona Yesu igihe azogarukirako:

Bana bato, ubu n’igihe c’iherezo: kandi nk’uko mwumvise yuko Antikristo azoza, n’ubu hamaze guseruka ba Antikristo benshi: ni co gitumye tumenya kw’ar’igihe c’iherezo….Na none bana bato, mugume muri we, kugira ngo niyahishurwa tuzedushire ubwoba….Abo nkunda, none tur’abana b’Imana, arik’uko tuzomera ntikurahishurwa; ico tuzi, n’uko Yesu ni yahishurwa tuzosa na we, kuko tuzomuraba ukw’ari. Kand’umuntu wese amuzigakw’ivyo, ariyeza, nk’uk’uwo ar’uwera (1 Yohana 2:18, 28; 3:2-3, dushimikiye ku nsobanuro).

Ugukererwa Kwiwe (His Delay)

Turavye imyaka 2.000 ishize, dusanga Yesu atagarutse vuba nk’uko abigishwa biwe bizigira. Kandi mur’iyo misi yabo, barakekeranya bibazako Yesu azogaruka vuba bafatiye ku gihe yakurwa muri bo. Igihe Petero yabonako imisi yiwe kw’isi iriko irarangira, (raba 2Pet. 1:13-14) Yesu ataragaruka, ni ho yandika icete ciwe ca nyuma ati:

Irya mbere mukwiye kumenya y’uko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana, bakurikira ukwifuza kwabo, bababaza, bat’ “Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se? Kuk’uhereye aho basogokuruza basinziriye, vyose bihora uko vyamye, uhereye k’ukuremwa kw’isi.” Kuko biyobagiza ibigira nkana yuko kera har’amajuru, n’isi yakuwe mu mazi n’ijambo ry’Imana, rikayirema mu mazi. Ivyo vyatumwe sisi ya kera amazi ayirengera, iratikira: arikw’amajuru y’ubu, bo n’isi, iryo jambo ryabibikiye kuzosha, kugira ngo birindwe gushitsa ku musi w’amateka, wo gutikira kw’abatubaha Imana. Arikw’abo nkunda, iri rimwe mweho ntimuryiyobagize, yuko ku Mwami Imana umusi umwe umeze nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi imeze nk’umusi umwe. Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, uko bamwe biyumvirakw’iritevya. Ariko yihanganira mwebwe, ntigombako hagira abahona, arikw’igombako bose bihana. Arik’umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma, ah’amajuru azovaho, hakaba n’ukwasana guhambaye, ivy’itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo bigatongoka (2 Pet. 3:3-10).

Petero yemejeko Yesu atevye kubw’urukundo n’imbabazi ziwe—agomba guha abantu umwanya wo kwihana. Arikw’aremeza neza cane kw’atacobuza Yesu kugaruka. Kandi ni yagaruka, azoza ashangashiwe cane.

Ivyanditswe birabitomora neza cane, nk’uko tugiye kubibona, yukw’ukugaruka kwa Kriso mu burake bwiwe kuzokwitangirwa n’ibihe vy’ihamwa ritigeze kubaho kw’isi no gusuka uburake bw’Imana ku bagabitanya. Vyinshi mu vyanditswe mu gitabo c’ivyahishuriwe Yohana bivuga kur’ico gihe kizoza. Nk’uko tuzakubibona mur’iki cigwa cacu, ivyanditswe bivugako hazob’imyaka ndwi y’ihamwa. Kand’iduzwa ry’ishengero rizoba hagati cank’imbere gatoya y’iyo myaka ndwi.

None Iduzwa Rizoba Ryari? (When Exactly Does the Rapture Occur?)

Igihe c’iduzwa ni ikibazo gituma abakristo bagira amadini itandukanye. Bamwe bavugako iduzwa rizoba imbere gatoya y’imyaka ndwi y’ihamwa, ku musi batazi. Abandi bavugako rizoba hagati y’iyo myaka ndwi y’ihamwa. Hari n’abandi bavugako rizoba inyuma gatoya y’igice c’iyo myaka ndwi y’ihamwa. Mbere abandi bavugako Iduzwa rizoba igihe Yesu azogaruka mu burake bwiwe ihamwa riheze.

Arikw’iyi si yo ngorane yotandukanya abantu, kandi iyo mirwi ine yose itegerezwa kumenya yuko ihuriza hamwe igihe ivugakw’iduzwa rizoba hagati cank’imbere gatoya y’ihamwa ry’imyaka ndwi. Ako n’agacu gatoya k’inkuru y’imyaka igihumbi. Hakw’icamwo imice kubera ibintu tudahurizako dukwiriye kunezererwa ivyo duhurizako! Hatarinzwe kuraba ic’umwe wese yizera, icateguwe ntikizobura gushika.

Tukiringaho nyene, ngomba ndakubwire yukw’imyaka mirongwibiri n’itanu ya mbere y’ubukristo bwanje nizera kw’Iduzwa rizoba imbere y’iyo myaka ndwi y’ihamwa. Navyezera kukw’ari vyo naguma nigishwa, kandi sinashaka kwinjira mu vyo nsoma mu gitabo c’ivyahishuriwe! Igihe natangura kwiga ivyanditswe jewe nyene, naciye ngira ikindi ciyumviro. Reka rero turabire hamwe ico Bibiliya ivuga n’indunduro twofata. Nah’utoba uri mu murwi w’abizera ivyo nizera, tugume dukundana!

Inyigisho Zo Kuri Elayono (The Olivet Discourse)

Duhere ku gice ca 24 c’injili yanditswe na Matayo, igice ngenderwako kivuga ku bizoba mu bihe vy’iherezo no kugaruka kwa Yesu. Dushizeko igice ca 25 ca Matayo, vyitwa Inyigisho zo Kuri Elayono, kukw’ivyo bice bigizwe n’amajambo yabwiye abigishwa biwe ba hafi cane

[3]

ku Musozi Elayono. Igihe tubisoma, turamenya ibintu vyinshi vy’ibihe vy’iherezo, tubone n’ivy’abigishwa ba Yesu, babwirwa ivyo, bavuze ku bihe vy’Iduzwa:

Yesu arasohoka ava mu rusengero; akigenda abigishwa biwe baramwegera ngo bamwereke inyubako y’urusengero. Arababwira, ati “Ntimubona ivyo vyose? Ndababwire ukuri: Aha ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi.” Yicaye ku musozi wa Elayono, abigishwa biwe baramwegera bihereranye, baramubaza, bati “Tubwire, ivyo bizobaho ryari, kand’ikimenyetso kizoba iki c’ukuza kwawe n’ic’umuhero w’isi?” (Mat. 24:1-3).

Abigishwa ba Yesu bashaka kumenya ibizoba. Bashaka kumenya neza umusi urusengero ruzosamburwa (kuko Yesu yaramaze kubivuga), n’ikimenyetso co kugaruka kwiwe hamwe n’umuhero w’isi.

Turavye muri kahise, dusanga urwo rusengero rwasambuwe n’umugabisha yitwa Tito hamwe n’ingabo z’abaroma mu mwaka wa 70 Yesu amaze kuzuka. Kandi tuziko gushitsa ico gihe Yesu ataribwagaruke gutwara ishengero ryiwe, rero ivyo bihe bibiri ntibishobora kuba ku gihe kimwe.

Yesu Yishura Ibibazo Vyabo (Jesus Answers Their Questions)

Matayo ntiyanditse ikibazo ca mbere kivuga k’ugusamburwa kw’inyubako y’urusengero, ariko Luka yaravyanditse mu njili yiwe (raba Luka 21:12-24). Mu njili yanditswe na Matayo, Yesu avuga ku bimenyetso bizokwitangira uku garuka kwiwe n’ibihe vy’iherezo:

Yesu arabishura, ati “Mwirinde, ntihagire uwubazimiza. Kuko benshi bazoza mw’izina ryanje, bati ‘ni jewe Kristo’, kandi bazozimiza benshi. Muzokwumva intambara n’impuha z’intambara: mwirinde, ntimuhagarike imitima; kuko bitazobura kubaho, arik’umuhero uzoba utaraza. Kukw’ihanga rizotera irindi hanga, n’ubwami buzotera ubundi bwami, amapfa no kunyiganyiga kw’isi bizobaho hensi; arikw’ivyo vyose n’itanguriro ryo kuramukwa” (Mat. 24:4-8, dushimikiye ku nsobanuro).

Biragaragara uhereye ku ntango y’ubutumwa bwiwe, Yesu yaraziko abigishwa biwe bo mu kinjana ca mbere bazoba bakiriho igihe c’ibimenyetso vyerekana ukugaruka kwiwe. Reba incuro yakoresheje insigarira zina mu. Yesu yakoresheje iyo nsigarirazina mu incuro zirenga mirongwibiri mu gica ca 24 gusa, ni co catumye abamwumviriza bose bizerako bazobona ivyo Yesu yavuze.

Turazik’umwigishwa wese yumvise Yesu avuga ivyo aramaze kwitaba Imana. Ariko ntidushobora kuvugako Yesu yarikw’arabahenda, ariko nawe yivugiyekw’atazi igihe ivyo bizoba (raba Mat. 24:36). Vyarigushobora kw’abumvise iyo nsiguro yiwe yo kuri Elayono baba bakiriho igihe co kugaruka kwa Yesu.

Ica mbere Yesu yitwararika n’ukw’abigishwa biwe batohendwa n’ibiyita Kristo atari bo, kuko benshi bazoza mu bihe vy’iherezo. Turaziko na Antikristo ubwiwe azokwiyita Kristo kand’atari we, agahenda amahanga menshi yo kw’isi. Bazokwiyumvirakw’ari we Mukiza.

Yesu yavuzeko hazoba intambara, amapfa, no kunyiganyiga kw’isi, ariko yaravuze neza kw’ivyo bimenyetso atari vyo vyerekana ukugaruka kwiwe, arikw’ar’”intango yo kuramukwa.” Turazikw’ivyo bimenyetso bimaze kugaragara mur’iyi myaka ibihumbi bibiri ishize. Ariko Yesu yaciye avuga ikindi kintu n’ubu kitarashika.

Intango y’Ihamwa ry’Isi Yose (Worldwide Tribulation Begins)

“Ni ho bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahora izina ryanje. Ni ho benshi bazobatsitaza, bazoryarukana, bazokwankana. Kandi hazokwaduka abigira abavugishwa n’Imana benshi. Maze kuk’ubugarariji buzorwira urukundo rwa benshi ruzotimba. Arikw’uwihangana, agashitsa kw’iherezo, ni we azokira. Kand’ubu butumwa bwiza bw’Ubwami buzovugwa mw’isi yose, ngo bube ikimnyentso kibera icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza” (Mat. 24:9-14, dushimikiye ku nsobanuro).

Kand’iy’ubaza abariko bumviriza Yesu kur’uyo musi, uti” Witeze kuzoba ukiri muzima ng’ubone ingene ivyo vyose bizoshitswa?” Nta nkeka inyishu botanga ni Ego. Yesu yabandanije akoresha akajambo mu.

Nk’uko twabisomye, inyuma “y’ukuramukwa” hazoba ikintu kitaribwigere kubaho, igihe c’ihamwa ry’Abakristo ritigeze kubaho mw’isi yose. Tuzokwankwa n’”amahanga yose,” cank’”ubwoko n’imirwi yose.” Yesu yaravuze igihe ivyo bizoberako, ntibizoba imyaka amajana, kuko yaciye avuga mw’ijambo rikurikira, ati” Ni ho benshi bazotsitaza, bazokwankana, bazoryarukana.”

Iryo jambo rivuga ku bakriso bazorwa bazotangura kwanka abandi bizera nka bo, kukw’abatizera badashobora “kurwa,” kuko basanzwe bari hasi kandi basanzwe bankana. Rero, igihe ihamwa rizotangura mw’isi yose, ingaruka izoba ukurwa no gucumura kurengeje kw’abiyita ko bakurikira Kristo. Bari mu kuri canke mu binyoma, intama cank’impene, benshi bazorwa, kandi ni bo bazodomako urutoki abandi bakristo babatanga ngo bazigirizwe, banka abo bigera kuvuga ko bakunda. Nih’ishengero ryo kw’isi hose rizokwezwa no guhumanurwa.

Nih’abiyita abavugishwa n’Imana bazogwirirana, nk’uko bivugwa mu gitabo c’ivyahishuriwe ko bazofashanya na Antikristo (raba Ivyah. 13:11-18; 19:20; 20:10). Ukugabitanya kuzokwongerekana gushikah’urukundo rw’abantu rutimba, kand’abanyavyaha nta mutima bazoba bagifise.

Abazokwicwa n’Abazosigira (Martyrs and Survivors)

N’aho Yesu yavuzeko abizera bazokwicwa (raba 24:9), ntiyavuze kw’ari bose, kuko yasezeranye yukw’abazokwihangana gushika kw’iherezo bazokira (raba 24:13). Bisigura yukw’igihe batazokwemera guhendwa n’abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma kandi batazokwemera kuva mu kwizera kwabo canke kurwa, ni bo bazokira, canke bazocungurwa na Kristo igihe azogaruka bamusanganire mu bicu. Iki gihe c’ihamwa rya mbere no gucungurwa Daniyeli yarabihishuriwe, kuko yabwiwe ngo,

Maz’ico gihe Mikayelo azohaguruka, ni we mugabisha ahagarikiye ubwako bwanyu; kandi hazoba igihe c’umubabaro utigeze kubaho, uhereye igihe amahanga yabereyeho, ukageza ico gihe. Arikw’ico gihe umuntu wese wo mu bwoko bwanyu azoboneka ko yanditswe mu gitabo azorokoka. Kandi benshi bo mubazoba basinziriye mw’ivu hasi bazokwikangura, bamwe bikangurira ubugingo budashira, abandi bikangurire ubmaramare n’ibiteterwa bitazoshira” (Dan. 12:1-2).

Agakiza kazoba kagitangwa ku buntu kugeza kur’ico gihe, kuko Yesu yasezeranye kw’ico gihe ubutumwa bwiza buzoba bukibwirwa amahanga yose (bisigura, “ubwoko n’imiryango yose”), bahabwe akaryo ka nyuma ko kwihana, ni ho iherezo rizoza.

[4]

Biratangaje kubona mu gitabo c’ivyahishuriwe harimwo amajambo yerekana ingene isezerano rya Yesu rizoshika:

Kandi mbona umumarayika wundi agaruka yatiriye ijuru, afise ubutumwa bwiza butazoshira bwo kubarira ababa kw’isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose. Avuga n’ijwi rirenga, ati “Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw’igihe c’amateka yayo gishitse; musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasoko y’amazi” (Ivyah. 14:6-7, dushimikiye ku nsobanuro).

Har’abiyumvirak’ umumarayika azovuga ubutumwa kukw’igihe c’imyaka ndwi y’ihamwa, ishengero rizoba rimaze kuduzwa n’abera bazoba barigiriye. Arikw’ivyo ni vyiyumviro vy’abantu.

Antikristo (The Antichrist)

Uwavugishwa n’Imana Daniyeli yahishuyeko Antikristo azoshira intebe yiwe i Yerusalemu mur’urwo rusengero rusubiye kwubakwa, hazoba ari hagati y’imyaka ndwi y’ihamwa gushika aho yiyita Imana (raba Dan. 9:27, tuzovyigako na vyo nyene). Ico ni co Yesu yagomba gushikiriza igihe yabandanya insiguro yiwe yo kuri Elayono:

“Nukw’aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bw’ubugesera, gihagaze ahantu hera, cavuzwe na Daniyeli yavugishwa n’Imana – Uwusoma ni yiyubare ico gihe abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire, uwuzoba ari hejuru ku nzu ntaze yururutswe no gusahura ibiri mu nzu yiwe, uwuzoba ari mu murima ntaz’asubizwe inyuma no gusahura umutamana wiwe. Ariko mur’iyo misi abazoba batwaye inda n’abonsa bazobona ibara. Kandi muze musenge kugira ng’uruhungo rwanyu ntiruze rube mu rushana canke kw’isabato. Kuko mur’iyo misi hazoba amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw’itanguriro ry’isi ugashitsa n’ubu, kandi ntazokwongera kubaho.

[5]

Kand’iyo misi iy’itagururwa ntihorokotse umuntu n’umwe, ariko kubw’abatoranijwe iyo misi izogerurwa” (Mat. 24:15-22).

Uku niko ihamwa rizoba (raba 24:9). Igihe Antikristo azokwiyamamaza nk’Imana mu rusengero ry’i Yerusalemu, niho abizera Kristo bazohamwa bihebuje. Igihe Antikristo yiyamamaje kuba Imana, azoshakakw’abantu bose bemera ubumana bwiwe. Ni vyo bizotuma, abakurikira Kristo b’ukuri, bazohinduka abansi ruhebwa baronderwe bicwe. Ni co gituma Yesu yavuzekw’abizera bari mu Buyuda bazoce bahungira ku misozi miremire badatinze, basenge ntihagire ikibabuza guhunga.

Iciyumviro canje n’ukw’abizera bose bo kw’isi bohungira ku misozi miremire igihe ivyo bizoshika, kukw’arih’isi yose azohanga amaso. Ivyanditswe bivugakw’isi yose izohendwa na antikristo, biyumvirakw’ari we Kristo wabo, kandi bazomusenga. Igihe yiyise Imana, bazomwizera bace bamusenga. Igihe atanguye gutuka Imana y’ukuri—Imana y’abakristo—azokwegera kuri we isi yanke abanze kumusenga (raba Ivyah. 13:1-8).

Yesu yarasezeranye agakiza ku bantu biwe mu “kugerera” iyo misi y’imibabaro; ahandi ho “nta muntu numwe yari gukira” (24:22). Uko “kugerera” iyo misi y’imibabaro “kubw’abera” ni wo musi azohagarara mu bicu no kubakoraniriza yo bose. aha Yesu ntatubwira kw’azorokora abiwe, inyuma y’imisi ingahe antikristo amaze kwamamaza ubumana bwiwe.

Uko bimeze kwose, Yesu yavuga nk’uwubwira abamwumviriza kobazoba bakiriho babone antikristo ateza abakristo intambara. Ibi binyuranye cane n’ivy’abantu bakunda kuvugakw’abera bazoduzwa imbere y’ihamwa. Uy’ubaza Petero, Yakobo na Yohana ko Yesu azoza kubacungura imbere yukw’antikristo yiyita Imana, bokwishuye, bat’”Oya sivyo.”

Intambra yo Kurwanya Abera (War Against the Saints)

Ivyanditswe biravuga ko antikristo azoteza abizera intambara. Akarorero, Yohana yarabihishuriwe, nk’uko yavyanditse mu gitabo c’ivyo yahishuriwe:

[antikristo] gihabwa akanwa kavuga ibihambaye n’ivyo kurogota: gihabwa n’ubushobozi bwo gushishikara amezi mirongwine n’abiri. Giteranura akanwa kaco kirogota ku Mana, kirogota no kwizina ryayo, no kwihema ryayo, no ku baba mw’ijuru. Gihabwa kurwanya abera no kubanesha, kandi gihabwa gutwara imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose n’amahanga yose (Ivyah. 13:5-7, dushimikiye ku nsobanuro).

Menyako antikristo azohabwa “ububasha bwo gukora” amezi mirongwine n’abiri, cank’imyaka itatu n’igice. Biratangaje kubona kw’ar’igice ca ya myaka ndwi y’ihamwa. Dushobora kuvugakw’ayo mezi azoba igice ca kabiri y’iyo myaka ndwi kw’ari ho antikristo azohabwa “ububasha bwo gukora” kuk’ububasha bwiwe buzokurwaho n’ukuza kwa Yesu igihe azoba aje kunesha intambara yatewe hamwe n’abiwe ihamwa ririko rirahera.

Biragaragara, ubu “bubasha bwo gukora” amezi mirongwine n’abiri bugereranwa n’inkomezi kanaka azohabwa n’Imana mur’uko kuganza kwiwe. Ubwo “bubasha budasanzwe bwo gukora” ni co gihe azoba ahawe co kunesha abera, kuko dusoma muri Daniyeli duti:

Maze nitegereje mbona iryo hembe[antikristo] rirwanya abera, rirabanesha. Gushitsa uwa mbere na mbere aje [Imana], atsindishiriza abera b’Iyisumba vyose’ nukw’igihe kirashika, abera begukira ubwami….Iyisumba vyose [antikristo] azoyivugakw’amajambo y’agatituro, kand’azocobogoza abera b’Iyisumba vyose. azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira (Dan. 7:21-22, 25, dushimikiye ku nsobanuro).

Daniyeli yavuzeko abera bazoshirwa mu maboko ya antikristo mu kiringo kingana “n’igihe n’ibihe n’igice c’igihe.” Iryo jambo ry’ibanga ritegerezwa gusobanurwa imyaka itatu n’igice, tugereranije Ivyahishuriwe 12:6 na 14. tubwirwa mu Vyahishuriwe 12:6 yukw’umugore azohabwa ikibanz aco kwinyegeza mu bugararwa “afungurirwe” imisi 1.260, ingana n’imyaka itatu n’igice ku mwaka ufise imisi 360. Rero har’ iyindi mirongo umunani, uyo mugore avugwa ko yahawe ikibanza mu bugaragwa “ngw’agaburirwe” mu kiringo kingana n’igihe n’ibihe n’igice c’ibihe.” Ico “gihe n’ibihe n’igice c’ibihe” kingana n’imisi 1.260 cank’imyaka itatu n’igice.

Ijambo “igihe” mur’iki gice risobanuro umwaka, “igice c’igihe” gisobanura igice c’umwaka. Iri jambo ridasanzwe tubona mu vyahishuriwe 12:14 ritegerezwa kuvuga co kimwe na Daniyeli 7:21. Ubu rero turazikw’abera bazoshirwa mu maboko ya antikristo imyaka itatu n’igice, bingana n’igiye twabwiwe mu vyahishuriwe 13:5 bivugako antikristo azohabwa “ubushobozi bwo gukora.”

Niyumvirako bidasobanura kw’ivyo bihe vyompi bigizwe n’imyaka mirongwine n’ibiri bizokorwamwo ibintu bisa. Bitanguriye aho antikristo yiyita Imana hagati y’imyaka ndwi y’ihamwa, abera bazoshirwa mu maboko yiwe mu myaka itatu n’igice yo mu gice ca kabiri, na Yesu azobacungura igihe azohagarara mu bicu no gukoraniriza kuri we abera biwe mu gihe kirangiza iyo myaka ndwi y’ihamwa, ni ho duca tuvugakw’iduzwa rizoba imbere y’ukw’imyaka ndwi y’ihamwa irangira.

Ingorane iri mur’ico ciyumviro ca kabiri n’ukw’abera bazoshirwa mu maboko ya antikristo ihamwa ritarashika kandi hataragera ko bahungira ku misozi igihe yiyita Imana. Ibi rero ntivyumvikana.

Ingorane iri mu ciyumviro ca mbere n’uko cerekanakw’abera bazoba bakiri kw’isi igihe c’amakuba azoshikira isi igihe Imana izoba irikw’icira isi yose amateka nkuko tubisoma mu gitabo c’ivyahishuriwe. Tuzogaruka kur’iki ca mbere.

Reka dusubire kuri ya nsiguro yo kuri Elayono.

Mesiya w’Ibinyoma (False Messiahs)

Yesu yaciye abwira abigishwa biwe ko batohubishwa n’abiyita Kristo kandi atari bo:

“Ico gihe nihagira umuntu ababwira, at ‘’Ehe Kristo ari hano’ cank’at’’ari hariya’ ntimuze muvyemere. Kuko hazokwaduka abigira Kristo n’abigira abivugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abatoranijwe ni vyashoboka. Raba ndabibabwiye bitaraba, Nuko ni bababwira, bat’’Eh’ari mu bugaragwa, ntimuze mujeyo; ‘ canke ngw’’ari haruguru mu mpete,’ ntimuze muvyemere. Nk’uk’umuravyo urabiriza iburasira zuba ukabonekera iyo rirengera, n’uk’uza kw’umwana w’umuntu kuzomera. Ah’umuvyimba ari hose, no ho ibinyakabaka bizokoranira” (Mat. 24:23-28).

Menya kandi ko Yesu yabandanije akorehsa akajambo mu. Abamwumviriza ku musozi wa Elayono biyumvirako bazoba bakiriho babone abavugishwa b’ibinyoma n’abiyita Kristo atari bo n’ibitangaza bazokora. Kandi barizera kuzobona Yesu agaruka kubatwara mu bicu nk’umuravyo.

Vy’ukuri, mur’ico gihe harihw’akaga ko kurwa, kukw’abizera bazohamwa birenze urugero kand’ibitangaza vy’abavugishwa b’ibinyoma n’abiyita Kristo kand’atari bo bizokwega cane abantu. Ni co gituma Yesu yashishikaye guhanura abigishwa biwe ababwira ibizoba ataragaruka kubatora. Ntiyashaka ko hagira abayoba kuber’ivyo nk’uko harih’abahitamwo kuzimira. Abakristo b’ukuri kandi bafise intumbero nziza bazorindira gushika yesu agarutse kubatwara mu bicu, abatar’abiwe bazoheberwa abiyita Kristo atari bo nk’ukw’ibinyabakabaka bikoranira umuvyimba mu bugaragwa.

Ibimenyetso mw’Ijuru (Signs in the Sky)

Yesu arashishikara ati:

“Hanyuma y’ayo marushwa y’ico gihe, uwo mwanya izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo, n’inyenyeri zizokoragurika zive kw’ijuru n’ivy’inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa. Buno ikimenyetso c’umwana w’umuntu kizobonekera kw’ijuru, ni ho amoko yose yo kw’isi azoboraga, bazobona umwana w’umuntu aje mu bicu vyo kw’ijuru ari n’ububasha n’ubwiza bwinshi. Azotuma abamarayika biwe n’ijwi rirenga ry’inzamba, bakoranye abatoranijwe biwe, bava mu birere bine, guhera iy’ijuru ritangurira kugeza iyo rihereza” (Mat. 24:29-31).

Ibi bimenyetso Yesu atanga mur’iyi nsiguro yo kuri Elayono, Abayuda b’igihe ciwe barabitahura neza kuko vyari ibimenyetso bivugwa na Yesaya na Yoweli ku vy’iherezo ry’isi, ico bita “umusi w’Uhoraho,” aho zuba n’ukwezi bizocura umwiza, kand’abantu bazoboroga. Niho abamarayika ba Yesu “bazokoranya abatoranijwe na we bava mu mahanga yose ngo basanganire Yesu mu bicu, kand’ivyo bizoba igihe hazovuzwa “inzamba n’ijwi rirenga.”

Ubugira kandi, iyo ubaza Petero, Yakobo na Yohana kuvy’iyi nsiguro yo kuri Elayono ko Yesu azogaruka imbere cank’inyuma ya antikristo cank’imibabaro myinshi, bokeishuye, bati “ni inyuma.”

Kugaruka n’Iduzwa (The Return and the Rapture)

Iki gice c’insiguro yo kuri Elayono gisa cane n’ivyo Paulo yanditse. Ni vyo twita iduzwa ry’ishengero, abadondora Bibiliya benshi bavugako bizoba imbere y’igihe c’ihamwa. Ntiwibagire bice tumaze kwiga mur’iki gice:

Ariko bene Data ntitugomba ko muyoberwa ivy’abasinziriye itiro ry’urupfu, ngo ntimubabare nka ba bandi badafise ivyizigiro. Uko twizera yuko Yesu yapfuye akazuka, abe ari ko twizera yukw’abasinziriye muri Yesu, Imana izobazanana na we. Iki ni co tubabwira, n’ijambo ry’Umwami twashikirijwe, yuko twebwe abazoba bakiriho, dusigaye gushika ku kuza k’Umwami wacu, tutazokwitangira imbere y’abasinziriye na gatoya. Kuk’ Umwami wacu ubwiwe azoza, amanutse avuye mw’ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana. Maz’abapfiriye muri Kristo nib o bazobanza kuzuka; maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa na bomu bicu, dusanganire Umwami mu kirere. Ni ho tuzokwama tubana n’Umwami. Nuko mwiruranishe ayo majambo. Aho bazoba bavuga, bati “Har’amahoro, nta nkomanzi”; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw’ibise biza ku mugore akuriwe (1 Tes. 4:13 – 5:3, dushimikiye ku nsobanuro).

Paulo yanditseko Yesu azomanuka ava mw’ijuru n’akamo k’inzamba y’Imana abizera bose “baterurirwe mu bicu gusanganira Umwami mu kirere.”Bisa n’ivyo Yesu yavuze muri Matayo 24:30-31, vyashitse antikristo n’ihamwa rimaze gushika.

Ikirengeye vyose, uko Paulo yashishikaye kwandika ivyo kugaruka kwa Kristo, yaravuze igihe bizoshikirako, “umusi n’igihe,” kandi yibutsa abo yandikiye yuko bazi neza k’”umusi w’Umwami uzoza nk’igisuma mw’ijoro.” Paulo yizerak’ukugaruka kwa Kristo n’iduzwa vy’Ishengero bizoba ku “musi w’Umwami,” umusi uteye ubwoba n’uburake bizorwa kubiyumviriyeko baronse “amahora ata nkomanzi.” Igihe Yesu azoba aje gutora ishengero ryiwe, uburake bwiwe buzorwa ku bari mw’isi.

Bias cane n’ivyo Paulo yandikiye ab’i Tesalonika ku musi w’uburake no kugaruka kwa Kristo:

Kukw’ar’ibigororotse ku Mana kwishura amarushwa abayabatera, no kwishura mwebwe abayaterwa kuruhukana natwe, ah’Umwami wacu azohishurirwa, ava mw’ijuru, azananye n’abamarayika b’ubushobozi bwiwe, hagati mu muriro waka, yishure guhorwa abatamenye Imana n’abatumvira ubutumwa bwiza bw’Umwami wacu Yesu. Bazohanwa, ni kwo guhona kw’ibihe bidashira, kuva mu nyonga h’Umwami no mu bwiza bw’ubushobozi bwiwe, ah’azozira gushimirwa abera biwe kuri wa musi, no gutangarirwa ku bamwizeye bose, kukw’intahe twashinze muri mwebwe yemewe (2 Tes. 1:6-10, dushimikiye ku nsobanuro).

Paulo yavuzekw’igihe Yesu azogaruka kwirura abakristo b’i Tesalonika mw’ihamwa ryabo (raba 1Tes. 1:4-5), azozanana “n’abamarayika b’ubushobozi bwiwe, hagati mu muriro waka” ababaze ababateye amarushwa, umwe wese nk’ukw’ivyo yakoze bingana. Ibi bimeze nk’ivyo benshi bitwa ihamwa ryitangira iduzwa ry’ishengero, ah’ishengero rizoduzwa imbere y’imyaka ndwi y’ihamwa, ari vyo vyitwa iduzwa ry’ishengero mw’ibanga. Oya, ibi bias n’ivyo Yesu yavuze muri Matayo 24:30-31, kw’azogaruka kw’iherezo canke imbere y’iherezo ya ca gihe c’ihamwa, ah’azoterura abizera no gusuka uburake bwiwe ku batamwizera.

Umusi w’Umwami (The Day of the Lord)

Mur’ico cete nyene, Paulo yarongeye kwandika ati:

Turabinginga, bene Data, kubwo kuzoza kw’Umwami wacu Yesu Kristo no kuzokoranirizwa kuri we kwacu, ntimushoke munyiganyiga ngo mugwe igihumura, canke ngo muhagarike imitima, n’aho mwoba mu bitewe n’impwemu canke n’ijambo canke n’icete kimeze nk’ikivuye kuri twebwe, kivuga yuk’umusi w’Umwami wacu uhejeje gushika ( 2 Tes. 2:1-2).

Ubwa mbere na mbere, menya ko Paulo yarikw’avuga k’ukugaruka k’Umwami n’iduzwa ry’ishengero. Yanditswe “k’ugukoranirizwa kuri we kwacu”, akoresha ijambo nk’irya koreshejwe na Yesu mur Matayo 24:31, igihe yavuga ku bamarayika “bazokoraniriza hamwe” abo yatoranije “uhereye ku mpande imwe y’isi ugashitsa ku yindi.”

Ubwa kabiri, Paulo yanganishije ivyo n’”Umusi w’Umwami,” nk’uko yabigize mu b’i Tesalonika 4:13 – 5:2. Ntibishobora gutahurika gusumba ngaho.

Paulo arabandanya ati:

Ntihakagire umuntu abahenda mu buryo na bumwe, kuk’utazoza, kwa kureka Imana kutabanje kuboneka, kandi wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, ni we mwana wo kuranduka, umurwanizi yishira hejuru y’icitwa Imana cose cank’igisengwa; nukw’azokwicara mu rusengero rw’Imana, yiyerekana ngo n’Imana (2 Tes. 2:3-4, dushimikiye ku nsobanuro).

Abakristo b’i Tesalonika barikobarabahenda kuvyerekeye umusi w’Umwami, nk’uko Paulo yabivuze babwirwako wari gutangura ishengero ridugijwe mu bicu Kristo agarutse, ngo rero uramaze gushika. Ariko Paulo yababwiye k’udashobora gushika na gatoya ca kizira c’ubuyobe kitaraza (kumbure ni ko kurwa gutangaje Kristo yavuga muri Mat. 24:10) na antikristo atariyita Imana mu rusengero rw’i Yerusalemu. Ni ho Paulo yabwira ab’i Tesalonika avyeruye yuk’ukuza kwa Kristo kudashoboka, ari na ryo duzwa ry’ishengero, cank’umusi w’Umwami, gushika aho antikristo yiyita Imana.

[6]

 

Paulo yongera kuvuga ibizoranga umusi wo kugaruka kwa Kristo ari wo musi wo gusambura antikristo:

Ntimwibuka yuko nababwiye ivyo nkiri kumwe namwe? Kandi none murazi ikibuza, kugirangw’az’ahishurwe mu gihe ciwe. Kukw’ibanga ry’umugararizo n’ubu ririko rirakora, mugabo har’uwubibuza none, gushitsa igihe azokurirwaho. Ni ho wa mugarariji azohishurwa, umwe Umwami Yesu azokwicisha impwemu ziva mu kanwa kiwe, azomutituza uguseruka kw’ukuza kwiwe. Ukuza kw’uwo mugarariji kuri mu buryo bw’inkomezi za Satani, kuri n’ubushobozi bwose n’ibimenyetso n’ibitangaza vy’ibinyoma, n’ubugunge bwose bwo kugabitanya ku bahona, kuko batemeye gukunda ivy’ukuri ngo bakizwe (2 Tes. 2:5-10).

Paulo yavuzekw’ivya antikristo bizorangira ku musi wo “kwihishura kwiwe.” Namba “uku guhishurwa” ari kumwe ko ku musi w’iduga kuvuga mu mirongo icenda twavuze (raba 2:1), rero antikristo azokwicwa ku musi umwe n’iduzwa ry’Ishengero gusanganira Umwami mu bicu. Bihuriza hamwe n’ivyanditswe mu bice vya 19 na 20 mu gitabo c’ivyahishuriwe. Ni ho dusoma ivyo kugaruka kwa Kristo (raba Ivyah. 19:11-16), ugusamburwa kwa antikristo (raba 19:17-21), kubohwa kwa Satani (raba 20:1-3) n’”izuka rya mbere”(raba 20:4-6), ah’abizera bishwe mw’ihamwa ry’imyaka ndwi bazosubiza ubuziman. Iryo zuka rya mbere niryo rya zuka rusangi ry’abagororotsi bose, rero nta nkeka k’umusi wo kugaruka kwa Kristo mu burake bwiwe bizoba mu gihe kimwe no gusamburwa kwa antikristo, kukw’ivyanditswe bitubwira ata guhigimanga yukw’imibiri y’abapfiriye muri Kristo izozurwa ku musi w’iduzwa ry’ishengero (raba 1Tes. 4:15-17).

[7]

 

Kwitegura (Being Ready)

Reka dusubire kuri ya nsiguro yo kuri Elayono.

“Ni mwigire ku musukoni umugani wawo: ishami ryawo iyo ritoshe, amababi agatutuza, mumenya yukw’agatasi kari hafi. Nuko namwe, ni mwabona ivyo vyose bishitse, muzemumenye kw’ari hafi, ku rugi. Ndababwire ukuri: Ab’iki gihe ntibazorangira, ivyo vyose bitarashika.

[8]

Ijuru n’isi bizorangira, arikw’amajambo yanje nta co azoba” (Mat. 24:32-35).

Yesu ntiyashatse kw’abigishwa biwe bagwa igihumura, ni yo ntumbero ya mbere y’insiguro yo kuri Elayono. Baramenyekw’ari “kwirembo” igihe batangura kubona “ivyo bintu vyose”—ihamwa ry’isi yose, ubuyobe, abavugishwa b’ibinyoma benshi n’abiyita Kristo, antikristo yiyita Imana, ivyo vyose vyegera umusi wo kugaruka kwiwe, ah’ukwezi n’ izuba bicika umwiza n’inyenyeri zikoragurika.

N’aho bimeze gurtyo, amaze kubabwira ibimenyetso bizokwitangira ukuza kwiwe imbere y’imyaka mikeya, amezi, imisi, aca ababwira yuk’umusi wo kuza kwiwe ar’ibanga:

“arik’uwo musi cank’iyo saha nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw’ijuru, cank’Umwana w’Imana, Atari Data gusa” (Mat. 24:36).

Har’igihe abantu bafata uyo murongo bagashaka kuwusobanura uko bishakiye! Kenshi bagira urtyo berekane ko Yesu atazi umusi azogarukirako, kukw’adashobora gupfa kuza no gutwara ishengero. Arik’uwusobanuye wisunga iyindi mirongo biri kumwe, usanga atar’ivyo Yesu yavuze. Yarikw’agerageza kubwira abigishwa biwe mu bimenyetso bizoba ataraza kugira ngo bame biteguriye ukuza kwiwe. Aca ababwira yuk’umusi n’isaha adashobora kubibabwira. Ikindi, Yesu ntiyarikw’avuga k’ukuza kwiwe kwa mbere imbere y’ihamwa ry’imyaka ndwi, igihe ishengero ritegerezwa kuduzwa mw’ibanga, ahubwo yavuga ku kuza kwiwe imbere canke hagati inyuma y’ihamwa. Ivyo ntawobihaririza aravye neza ico gice.

Ukugaruka Kwiwe—Ibanga Rinini? ( His Return—A Complete Surprise?)

Ico abantu bakunda kuvuga igihe barwanya iciyumviro c’uko Kristo azogaruka gutora ishengero hagati canke kw’iherezo ry’ihamwa n’uko ukwo kugaruka kutoba kukiri ibanga nkuko (biyumvirako) Yesu yavuze, arik’ukwo kuza kwobo kunyarutse kugira ngo gukize abantu ihamwa. Hategerezwa kuba iduzwa ry’imbere y’ihamw, ni ko bavuga, ahandi ho abizera ntibazoba bakeneye kwama bagavye no kwitegura nk’ukw’ivyanditswe bivuga, kuko bariguca bamenyako bizofata imyaka ndwi cank’iyababa iyo imbere yo kugaruka kwa Yesu.

Iki ciyumviro kirwanywa n’ivyo Yesu yavuze mu nsiguro yiwe kuri Elayono kuko yabwiye abigishwa biwe kwitegurira ukugaruka kwiwe igihe ihamwa ritanguye canke riri mu kurangira, aca arabereka ibimenyetso vyinshi bizokwitangira ukuza kwiwe. None ni kuki insiguro yo kuri Elayono yazuyemwo ukugabisha abantu ngo bame bagavye kukw’ari hafi kuza, kandi Yesu yar’azi kobizofata n’imiburiburi imyaka ndwi cank’iyababa iyo imbere yo kugaruka kwiwe? Kukw’azi neza kw’abakristo bategerezwa kwitegura no kwama bagavye n’aho yoteba kugaruka. Intumwa zaguma zibwira abantu kwitegura no kwama bagavye kuko zigisha ivyo Yesu yabigishije ubwiwe.

Nk’uko nyene, abizerakw’izo mpanuro zatanzwe kuko har’iduzwa rizokwitangira ihamwa har’iyindi ngorane bafise. Ufatiye kuvyo bavuga, ukugaruka kwa Kristo kwa mbere kuzoba imbere y’ihamwa. Iryo garuka rya Kristo rero ntirishobora kuba ku mwanya uwari wo wose—ritegerezwa kuba neza na neza imyaka ndwi imbere y’ihamwa kurangira. Rero mu bisanzwe, nta muntu ashobora kwitega ko Kristo agaruka ibimenyetso yatanze bitaraba, kand’ivyo bimenyetso birashobora kwihutishwa canke bikagirwa birebire.

Benshi mu bemera iduzwa ry’imbere y’ihamwa, bavugishije ukuri, bashobora kuvuga ko Yesu adashobora kugaruka uyu musi canke ejo kubera ingene politike y’isi imeze mur’iki gihe turimwo. Haracar’ibintu vyasezeranywe gushika imbere y’ihamwa ry’imyaka ndwi. Akarorero, nkuko tuhava tubibona mu gitabo ca Daniyeli, antikristo azogirana isezerano ry’imyaka ndwi na Isirayeli, kand’ico ni co kizoranga intango y’ihamwa. Rero iduzwa, ribaye imyaka ndwi imbere y’ihamwa kurangira, usanga rigwa mu gihe antikristo azogirana isezerano na Isirayeli. Gushika haba ikintu muri politike gituma iryo sezerano riba, nta duzwa ry’imbere y’ihamwa rishoboka nk’ukw’abavyigisha bavuga.

Ikirengeye vyose, abo bigisha iduzwa ry’imbere y’ihamwa bizera ko Yesu azogaruka ihamwa riheze, bisigura umusi baharurikakw’ihamwa rya mbere. Ihamwa rishitse, nk’uko Yesu yavuzekw’Imana gusa ari yo izi umusi, ushobora kuwuharura uhereye ku myaka ndwi.

Ikindi, ufatiye ku vyo Yesu yavuze, ntiyashakakw’ukugaruka kwiwe kuba giturumbuka cane. Kanatsinda, yagomba yukw’abantu bamenyako hegereje igihe baravye ku bikoreka kw’isi bisa n’ibimenyetso vy’ihamwa. Ndabisubiyemwo, Yesu ntiyagomba kw’abigishwa biwe barwa igihumura, nk’isi. Yarabandanije inyigisho yiwe ku musozi Elayono:

“kand’uko vyari mu misi ya Nowa ni ko bizoba ku kuza k’Umwana w’umuntu. Kukw’ari ko bamye mu misi umwuzure utari bwatere : bararya, baranywa, bararongora, barashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bwa bwato, nti bagira ico bamenya kugeza ah’umwuzure waziye ubatwara bose; ni kw’ukuza k’Umwami w’umuntu kuzomera. Ico gihe abagabo babiri bazoba mu murima, umwe azojanwa, uwundi arekwe. Abagore babiri bazoba bariko barasera hamwe k’urusyo, umwe azojanwa uwundi arekwe.

[9]

Nuko mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako. Arikw’ibi mubimenye: iyaba nyen’urogo yar’asanzwe azi igihe igisuma kiziramwo, yogavye, ntiyokunze kw’inzu yiwe yimbwa. Nuko namwe mwiteguye, kuk’Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye” (Mat. 24:37-44)

Ubugira kandi, Yesu yashaka kw’abigishwa biwe bama biteguriye ukugaruka kwiwe. Kanatsinda, iyo ni yo ntumbero yatumye avuga ivyo vyose mu nsiguro yiwe yo ku musozi Elayono. Izo mpanuro nyinshi yabaha abasaba kwama bagavye kugira ng’ukugaruka kwiwe ntikubashikeko giturumbuka, abamenyesha ingene bigoye kwama bagavye mur’ivyo bihe bigoye. Ko bimeze gurtyo, abarindiriye iduzwa ry’imbere y’ihamwa, bakiyumvirako har’ico baruta abandi bakristo, barashobora gusanga batiteguye neza guhura n’ibibarindiriye imbere yabo. Namba bazikw’ata hamwa bazojamwo bakisanga hagati y’ihamwa no mu nganji ya antikristo, barashobora kuzazanirwa no kuja mu gatengo. Vyobabera vyiza kwitegurira ivy’ivyanditswe bitwigisha kuko bitazobura gushika.

N’ubu kandi, wobaza Petero, Yohana canke Yakobo ko Kristo azogaruka ryari, bokubwira ibimenyetso vyose Yesu yababwiyeko bizoshika imbere yo kugaruka kwiwe. Bari bazikw’atazogaruka imbere y’ihamwa n’umuzo wa antikristo.

Igisuma mw’Ijoro (A Thief in the Night)

Menyako akarorero Yesu yatanze ku ”gisuma mw’ijoro” kiyongera ku bimenyetso yatanze vyo kuza kwiwe kugira ngw’abigishwa biwe birinde uyo musi ntubashikeko giturumbuka. Rero akarorero k’“igisuma n’ijoro” ntigashobora gukoreshwa mu kuvugako kw’ata muntu ashobora gutanga iciyumviro c’igihe Yesu azogarukirako.

Paulo na Petero bompi barakoresheje akarorero ka Yesu ku “gisuma n’ijoro” igihe bandika ku “musi w’Umwami” (raba 1 Tes. 5:2-4, 2 Pet. 3:10). Bizerakw’ako karorero gafitaniye isano no kuza kw’Umwami mu burake bwiwe cank’imbere canke kw’iherezo ry’imyaka ndwi y’ihamwa. Biratangaje kubona Paulo abwira aboyandikiye, ati “Ariko mweho, bene Data, ntimuri mu mwiza, ng’uwo musi ububire nk’igisuma” (1 Tes. 5:4). Yarasobanuye neza akarorero Yesu yatanze, avugakw’abari maso bazi ibimenyetso kandi bakurikira no kwumvira Yesu batari mu mwiza, ni co gituma ukuza kwa Kristo kutazobashikako giturumbuka. Kuri bo, Yesu ntazoza nk’igisuma mw’ijoro. Abari mu mwiza gusa ni bo uwo musi uzoshikako giturumbuka, ari na vyo Yesu yigishije. (raba ijambo Yesu yakoresheje mu karorero k’”igisuma n’ijoro” mu vyah. 3:3 na 16:15, aho yarikoresha mu kuvuga intambara ya Armagedoni).

Guhera ku nsiguro yiwe yo ku musozi Elayono, Yesu yabandanije guhanura abigishwa biwe ngo bame bagabiye ukugaruka kwiwe. Mur’ico gihe, yarababwiye ingene bokwitegure, mu kubacira imigani y’umukozi mubi, inkumi cumi, italanto, n’umugani w’intama n’impene (ukwiriye kubisoma). Aho hose, yagumye agabisha abatiteguriye ukugaruka kwiwe avugako gehinomu ibarindiriye (raba Mat. 24:50-51; 25:30, 41-46.) Inzira yo kwitegura ni gukora ubugombe bw’Imana gushika agarutse.

[10]

 

Iyindi Mpari (Another Objection)

 

Hari abantu banka kw’iduzwa ritazoba hagati canke ribe kumpera y’ihamwa bavugako Bibiliya yemeza kw’abagororotsi batazokwigera bahanwa co kimwe n’abagabitanya, batanga uturorero twa Nowa, Loti, hamwe n’Abisirayeli muri Egiputa.

Ni vyo, turizerakw’abagororotsi batazosukwak’uburake bw’Imana mur’iyo myaka ndwi y’ihamwa, kuko vyoba bihushanya n’amasezerano menshi ya Bibiliya (raba, nk’akarorero, 1Tes. 1:9-10; 5:8).

Yesu yivugiye ubwiwe kw’abagororotsi bazobona ihamwa rikuru. Ntiryashiriweho kuzanira amarushwa abera b’Imana, arikw’abagabitanya. Hamwe n’ivyo, abakristo ntibazobura guhamwa—barasezeranywe guhamwa. Mu kiringo c’imyaka ndwi y’ihamwa, har’abizera benshi bazotakaza ubuzima bwabo (raba Mat. 24:9; Ivyah. 6:9-11; 13:15; 16:5-6; 17:6; 18:24; 19:2). Benshi bazocirwa amazosi (raba Ivyah. 20:4).

Rero, igihe uwizera wese aciwe izosi mu gihugu kanaka, ntakizobuza uburake bw’Imana kuziriringa ku muntu wese aba mur’ico gihugu. Kandi igihe har’abizera mu gihugu, Imana irashoboye kubarinda amateka azorwa ku babi. Igihe yacira Egiputa amateka Mose akiriho, yaravyerekanye. Imana ntiyemeyeko hagira n’imbwa ikubwa ku mw’Isirayeli, igihano ku kindi kirwa ku banyegiputa (raba Kuv. 11:7). Nk’uko nyene, mu gitabo c’ivyahishuriwe turabona izinge ziserereza ababi bo kw’isi amezi atanu, ariko ntizemerewe gukora ku bayuda 144.000 bakoreye Imana bashizwekw’ikimenyetso ku ruhanga (raba Ivyah. 9:1-11).

Iduzwa Tubona mu Vyahishuriwe (The Rapture in Revelation)

No ngaha mu gitabo c’ivyahishuriwe turasoma ivy’iduzwa ry’ishengero, kandi ntaho tubona ikindi kimenyetso co kuza kwa Kristo kiretse bimwe dusanga mu vyahishuriwe 19, aho azokwica antikristo n’ingabo ziwe mu ntambara y’i Armagedoni. Naho nta duzwa rivugwamwo. Arikw’izuka ry’abishwe kubwa Kristo igihe c’ihamwa rirandutswe, ariko vyanditswe nk’ivyabereye rimwe (raba 20:4). Kubera yuko Paulo yanditse kw’abapfiriye muri Kristo bazozuka igihe Kristo azogaruka, ari na co gihe co kuduzwa kw’ishengero, uyu murongo hamwe n’iyindi tumaze kuvugako, bituma tubona yukw’iduzwa rizoba kw’iherezo ry’imyaka ndwi y’ihamwa, nk’uko biri no mu vyahishuriwe 19 na 20.

Ariko haracarih’ibindi vyiyumviro.

Har’ababona iduzwa mu gice ca 6 n’ica 7. mu vyahishuriwe 6:12-13, tubona izuba “ryirabura nk’i gunira” n’inyenyeri zikoragurika ziva kw’ijuru, ibi ni ibimenyetso bibiri bias n’ivyo Yesu yavuze ko bizokwitangira ukugaruka kwiwe no gukoraniriza kuri we abo yatoranije (raba Mat. 24:29-31). Hamwe no mu gice ca 7, aho tubona ishengero rinini rigizwe n’amahanga yose, ubwoko n’indimi zose bavuye mw’”ihamwa rikuru” (7:14). Ntibavugwa ko bishwe kubw’Imana nka wa murwi uvugwa mu gice citangira iki (raba 6:9-11), bituma tuvugako batishwe ahubwo bateruriwe mu bicu—abizera barokowe mw’ihamwa rikuru.

Turashobora kuvuga kw’iduzwa rizoba imbere y’ibizoshikira isi nk’uko bivugwa mu vyahishuriwe 6:12-13, kubera ivyo Yesu yavuze bias n’ivyo muri Matayo 24:29-31. nta ndunduro twahawe kur’ibi, arikw’ivyo bizoshikira isi dusanga mu vyahishuriwe 6:12-13 bizoshika mu gihe c’ihamwa ry’imyaka ndwi. Namba ibizoshika dusanga mu vyahishuriwe 6:1-13 biri mu rutonde rumwe, kandi namba iduzwa rizoba inyuma y’ibivugwa muri 6:13, bituma twizera yukw’iduzwa ritazoba antikristo ataraza (raba 6:1-2), n’intambara kw’isi hose (raba 6:3-4), amapfa (raba 6:5-6), gupfa kw’ica kane c’isi kubera intambara, amapfa, akaranda n’inyamaswa (raba Ivyah. 6:7-8), n’abandi benshi bicwa kubw’Umwami (raba Ivyah. 6:9-11). Ivyo bintu vyose bizoshika ihamwa ry’imyaka ndwi ritarahera, kandi bishobora gusobanura igihe cose c’ihamwa ry’imyaka ndwi, bigashira iduzwa kw’iherezo ry’iyo myaka.

Mu kwemeza iciyumviro c’ukw’iduzwa ry’ishengero rizoba ya myaka ndwi itarahera, menya kw’ivyahishuriwe vyerekana ibice bibiri vy’ivyago ndwi inyuma y’ivyahishuriwe 8: “ibihano vy’inzamba” n’ “ibihano vy’inzavya.” Ivyo vya kabiri ni vyo vyaheraheje uburake bw’Imana (raba 15:1). Imbere yukw’ibihano vy’inzavya bitangura, Yohana yabonye “abatabarutse banesheje ca gikoko n’igishushanyo caco n’igitigiri c’izina ryaco, bahagaze kur’ico kiyaga c’ibirahuri” (15:2). Aba bera batabarutse bashobora kuba baradugijwe mu bicu. Canke, barashobora kuba baraciwe amazosi kubw’Umwami. Ivyanditswe ntibitubwira uko bimeze ngaho. Ariko kandi, ntituzi yuko 15:2 hari mu rukurikirane rw’ivyo duhejeje kuvuga.

Ikindi dusanga mu vyahishuriwe gishobora kwongera uburemere ku ciyumviro cukw’iduzwa rizoba imbere yuko ya myaka ndwi irangira ni iki: igihe c’”igihano ca gatanu c’inzamba” canditswe mu vyahishuriwe 9:1-12, tubwirwa yukw’inzige ziyigiza zahawe kubabaza “abantu batadomwekw’ikimenyetso c’Imana mu ruhanga rwabo” (9:4). Kand’abazogira ico kimenyetso gusa tubwirwa ni 144.000 bakomoka kuri Isirayeli (raba Ivyah. 7:3-8). Bigaragara kw’abizera bose bazoduzwa imbere y’igihano kigira gatanu c’inzamba; ahandi ho ntibarigukira ububasha bw’izo nzige ziyigiza. Vyongeye, kukw’inzige zibabaza abantu amezi atanu (9:5, 10), har’abavugakw’iduzwa rizoba imbere y’amezi atanu arangiza imyaka ndwi y’ihamwa.

Menya ko har’ivyiyumviro vyinshi ngaho. Wosanga har’abandi bashizwekw’ikimenyetso c’Imana ariko batavuzwe ngaha. Uko bimeze kwose, namba ibi bitemeza yukw’iduzwa rizoba igihano ca gatanu c’inzamba kitaraba, vyerekane rero yuko har’umurwi w’abizera utazoduzwa imbere yo kurekurwa kw’inzige ziyigiza—bamwe 144,000 bakomoka kuri Isirayeli bashizwekw’ikimenyetso. Ariko bategerezwa gukingirwa uburake bw’Imana bugaragarira mur’izo nzige ziyigiza.

None indunduro y’ibi vyose ni iyihe? Jewe nshobora gusa kuvuga yukw’iduzwa rizoba imbere yo kurangira kw’iyo myaka ndwi canke kwiherezo ry’iyo myaka ndwi. Abizera nta bwoba bujanye n’uburake bw’Imana bogira, ariko bategerezwa kwitegurira ihamwa no kwicwa kubw’Umwami bikenewe.

Igihe c’Ihamwa (The Tribulation Period)

Reka dusuzumire hafi ico ivyanditswe bitwigisha kur’iyo myaka ndwi y’ihamwa. Ni kuki tuvugakw’ihamwa rizomara imyaka ndwi? Dutegerezwa kwiga igitabo ca Daniyeli, ukuyemwo igitabo c’Ivyahishuriwe, ni co gihishura cane ivyo Bibiliya yigisha ku bihe vy’iherezo.

Mu gice c’icenda c’ico gitabo, tubona Daniyeli ari kumwe na bene wabo b’Abayuda inyagano i Babuloni. Mu kwiga igitabo ca Yeremiya, Daniyeli abona ikiringo c’Abayuda kuba mu nyagano ar’imyaka mirongwirindwi (raba Dan. 9:2; Yer. 25:11-12). Amaze kubonakw’iyo myaka mirongwirindwi imaze gukwira, Daniyeli atangura gusenga, yihana ivyaha vy’abantu biwe no gusaba imbabazi. Mukwishura amasengesho yiwe, umumarayika Gaburiyeli aramubonekera amuhishurira ukurindwa kwa Isirayeli igihe c’ihamwa hamwe n’ukugaruka kwa Kristo. Ukwo guhishurirwa kuri muri Daniyeli 9:24-27 ivyanditswe bitangaje cane. Naravyanditse ngaho maze nshira amajambo yanje mu twa mugina:

Amayinga miringwirindwi [zirashobora kuba indwi zigize imyaka, nk’uko tuhava tubibona, cank’igitigiri c’imyaka 490 years] agerewe ubwoko wanyu [Isirayeli] n’igisagara canyu cera [Yerusalemu], kugira ngw’ibicumuro bishire [bishoboka kubar’ivyaha vyose vya Isirayeli—bibambiye Mesiya wabo ubwabo] n’ivyaha birangizwe [bishoboka kuba ar’igikorwa ca Kristo co ku musaraba kiducungura], n’ibigabitanyo bitangirwe impongano [sinkekeranya ni igikorwa co gucungura Kristo yasozereye ku musaraba], hazanwe ukugororoka kutazoshira [intango y’ingaji ya Yesu mu bwami bwiwe kw’isi], ivyo weretswe n’ivyavugishijwe n’Imana ngo bimatanishwe ishashara idomwemw’ikimenyetsso [birashobora kuba igihe co guheraheza kwandika ivyanditswe, cank’ugushitswa kw’amasezerano yose y’imbere y’inganji y’imyaka igihumbi], ahera cane harobanuzwe amavuta [gushubora kuba ar’ugusozera gutsimbaza ingoro y’igihe c’imyaka igihumbi]. N’uk’umenye, utahure, yuk’uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu [ico cagezwe catanzwe n’Umwami Artareste mu mwaka wa 445 Kristo ataravuka], ugashitsa kuri Mesiya Segaba [Umwami Yesu Kristo] hazocah’amayinga ndwi; maze habeh’ayandi mayinga mirongwitandatu n’abiri [zose hamwe n’indwi 69, cank’imyaka 483]; hasubire kwubakwa, basubizeh’imiharuro n’imigende; mbere bizoba bikorwa mu bihe bigoye [ukwo ni gusubira kwubaka Yerusalemu, yasanganguwe na Babuloni]. Maz’ayo mayinga ukw’ari mirongwitandatu n’abiri niyashika [bisigura, imyaka 483 inyuma y’icagezwe catanzwe ku mwaka wa 445 Kristo ataravuka] Mesiya azokurwaho, kandi ntawuzomusubirira mu gishingo [Yesu azobambwa ku mwaka wa 32 Amaze kuvuka, iyo duharuye ku kirangamisi c’Abayuda kuko gifise imisi 360 ku mwaka]. Maze segaba wundi azoza[antikristo], abantu biwe [Abaroma] bazosangangura igisagara n’ahantu hera [ni ho Yerusalemu yasangagurwa na Tito n’ingabo z’Abaroma mu mwaka wa 70 Kristo amaze kuvuka]. Arikw’iherezo ryiwe azotembanwa n’umuvo; kand’intambara zizorinda zishitsa no kw’iherezo; ubugesera bwanshizwe ko buzotera. Kand’azosezerana[ “segaba azoza”—ni we antikristo] na benshi [Isirayeli] isezerano rikomeye kumara iyinga rimwe [cank’imyaka ndwi—ari co kiringo c’ihamwa]: ni ryagera hagati [nk’imyaka itatu n’igice] azokurah’ibimazi n’amashikanwa; uwugeseza azoza kw’ibaba ry’ibizira [igihe antikristo yishize mu rusengero rw’Abayuda i Yerusalemu, yiyita Imana; raba 2Tes. 2:1-4] maz’ubuyobe buzosukwa kur’uyo ageseza [kugaruka kwa Yesu], gushitsa ku muhero washinzwe [antikristo aneshwa na Yesu] (Dan. 9:24-27, dushimikiye ku nsobanuro).

Imyaka 490 Idasanzwe (490 Special Years)

Uhereye ku cagezwe co mu mwaka wa 445 Kristo ataravuka cashinzwe n’Umwami Aritazeruzi ngo Yerusalemu isubire kwubakwa, Imana yashizeho imyaka 490 idasanzwe mu nkuru ya kazoza. Arikw’iyo myaka 490 ntiyakurikirana mu rutonde rumwe; ahubwo, yari mu bice bibiri vy’imyaka 483 n’imyaka ndwi. Igihe iyo myaka y’ico gihe ca mbere yahera (umwaka Yesu yabambiweko), isaha yarahagaze. Daniyeli ntiyarikurotakw’isaha izohagarara mur’iki gihe haheze imyaka 2.000. Ahantu hamwe muri kazoza, isaha izosubira gukora irangize imyaka ndwi ya nyuma. Iyo myaka ndwi ya nyuma ntiyitwa gusa “Ihamwa,” ariko kandi nk’“iyinga rya Daniyeli rigira mirongwirindwi.”

Iyo myaka ndwi igabuwe mu bice bibiri bigizwe n’imyaka itatu n’igice. Igize hagati, nk’uko twabibonye mu guhishurirwa kwa Daniyeli, antikristo azogarukiriza hagati isezerano yagiraniye na Isirayeli “akureh’ibimazi n’amashikanwa.” Ni ho azoca, nk’uko Paulo abitubwira, yicara mu ngoro i Yerusalemu yiyite Imana.

[11]

Ico ni co “kizira c’ubuyobe” Yesu yavuga (raba Mat. 24:15). Ni co gituma abizera bari mu Buyuda bategerezwa “guhungira ku misozi miremire” (Mat. 24:16), kukw’ico ari co kimenyetso c’intango y’ihamwa rihambaye isi itarigera ibona (raba Mat. 24:21).

Birashoboka yuko Yohana yabonye ”intambara y’abayuda“, nk’uko vyanditswe mug ice ca cumin a kabiri co mu Vyahishuriwe. Namba bimeze gurtyo, abizera bar’i Buyuda barabikiwe ikibanza c’umutekano kiri mu bugararwa aho “bazofungurirwa” imyaka itatu n’igice, ari co gice ca kabiri kirangiza ya myaka ndwi y’ihamwa (raba Ivyah. 12:6, 13-17). Yohana yarahishuriwe ubushangashirwe bwa Satani kubw’abamucitse, n’intambara yateje abasigaye “mu bitondeye amabwirizwa y’Imana no kwumira ku ntahe ya Yesu” (Ivyah. 12:17). Ni co gituma niyumvirako vyobera vyiza abizera bose bari kw’isi guhungira ku misozi miremire igihe antikristo yiyise Imana i Yerusalemu.

Uguhishurirwa kwa Nyuma kwa Daniyeli (Daniel’s Last Revelation)

Ikindi gice ciza cane tutari bwarabe kiri mu mirongo cumi n’itatu yanyuma yo mu gitabo ciwe. Ni amajambo umumarayika yabwiye Daniyeli. Nayimuriye ngaho nshira amajambo yanje mu twa mugina:

Maz’ico gihe Mikayeli [Umumarayika] azohaguruka, ni we mugabisha ahagarikiye ubwoko bwanyu; kandi hazoba igihe c’umubabaro utigeze kubaho, uhereye igihe amahanga yabereyeho, uka geza ico gihe [aya ni yo yamagorwa Yesu yavuze muri Matayo 24:21]; arikw’ico gihe umuntu wese wo mu bwoko bwanyu azoboneka ko yanditswe mu gitabo azorokoka [iyi irashobora kuba ya ntambara ya Bayuda cank’ukurokora abizera kw’igihe c’iduzwa ry’ishengero]. Kandi benshi bo mubazoba basinziriye mw’ivu hasi bazokwikangura, bamwe bikangurire ubugingo budashira, abandi bikangurire ubumaramare n’ibiteterwa bitazoshira [izuka ry’abagororotsi n’abagabitanya]. Kand’abagize ubwenge bazokayangana nk’ugukayangana kwo mw’itazanuro ry’ijuru, n’abashikanye benshi ku kubugororotsi bazokwaka nk’inyenyeri ibihe bitazoshira. [bamaze kuzuka, abagororotsi bazokwambikwa imibiri mishasha ikayangana ubwiza bw’Imana.] Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ikimenyetso gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand’ubwenge buzogwira.” [Ubuhinga budasanzwe bwa koreshwa mu gutumatumanako n’ubwenge kera vyemezwa n’ayo majambo.]

Maze jewe Daniyeli nditegereza, mbona abandi babiri bahagaze, umwe ku nkombe yo hakuno y’uruzi, uwundi ku yo hakurya. Umwe abaza wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, at’“Ivyo bitangaza bizoshitsa ryari?” Mbona wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, amanika ukuboko kw’iburyo n’ukw’i bumoso, ayatunga mw’ijuru, numva arahira Iyibaho ibihe bitazoshira, yuko bizomara igihe n’ibihe n’igice c’igihe [imyaka itatu n’igice nk’uk’uguhishurirwa kuri mu Vyah. 12:6 na 12:14 kuri]; kand’ati ni bamara guca ubwoko bwera ubunywenywe, ivyo vyose bizoba bishize. [nk’uko Daniyeli 7:25 havuga kw’abera bazoshirwa mu maboko ya antikristo imyaka itatu n’igice, ngaha biragaragara yukw’ar’imyaka itatu n’igice ya nyuma kuri ya myaka ndwi y’ihamwa. Ihamwa n’ibindi vyose vyavuzwe n’abamarayika bizoba igihe “ububasha bw’abera” bwa “zibiwe.”] Ndavyumva, ariko sinabitahura, nca ndabaza, nti “Databuja, ikizoherukira ibindi mur’ivyo ni ikihe?” Aranyishura, at’”Igire, Daniyeli; kukw’ayo majambo ar’akabanga, amatanijwe ishashara idomwekw’ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo. Benshi bazotunganywa, bezwe, bavugutirwe [mur’iryo hamwa, nta nkeka]; arikw’abanyakibi bazoshishikara gukora ikibi, kandi nta n’umwe mu banyakibi azobitahura; arikw’abagize ubwenge bazobitahura. Ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye uhereye igihe kizokurirwaho, bagashinga ca kizira c’ubuyobe cazanye ubugesera, hazocah’imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwicenda. [iki s’igihe kiri hagati y’ivyo bintu bibiri kubera yuko vyompi bizoba hagati ya yamyaka ndwi y’ihamwa. Ahubwo, yoharurwa uhereye igihe ivyo bintu bibiri bibaye, izoba imisi 1.290 gushik’aho ikintu kidasanzwe gikoreka kw’iherezo. Imisi 1.290 irengakw’imisi mirongwitatu gusa kuri ya myaka itatu n’igice uharuye ku mwaka ufise imisi 360, ico ni gihe kiguma gisubirwamwo muri Daniyeli no mu Vyahishuriwe Yohana. Ica tumye hongerwakw’iyo misi mirongwitatu nta n’umwe akizi. Mu kwongera kur’ako kabanga, umumarayika abwira Daniyeli:] Hahirwa uzorinda, agashitsa ku misi igihumbi n’amajana atatu na mirongwitatu n’itanu! [Dusubiye kuronka irindi banga riri mu misi mirongwine n’itanu irengako.] Nuko ni wigire, urindire iherezo; kuk’uzoruhuka, kand’uzohagarara[Daniyeli asezeranwa kuzugurwa] mu mugabane wawe, kw’iherezo ry’iyo misi” (Dan. 12:1-13)

Hari ikintu ciza kizoba inyuma y’iyo misi 75 yiyongeyeko! Dusabwa kurindira twihanganye.

Dusomye ibice birangiza igitabo c’Ivyahishuriwe tubona har’ibintu vyinshi bizoba inyuma yo kugaruka kwa Kristo, kimwe n’ubukwe bwa wa Umwagazi, nih’ umumarayika yabwira Yohana, ati “Hahirwa abatorewe gutaha ubukwe bwa wa Mwagazi” (Ivyah. 19:9). Kumbure niwo mugisha umumarayika yabwiye Daniyeli. Namba ari vyo, ubwo bukwe bw’icubahiro buzoba mu mezi abiri n’igice Yesu amaze kugaruka.

Kumbure iyo misi mirongwirindwi n’itanu izobamwo ibintu tumaze kumenyako bizoba nk’uko vyanditswe mu bice vya nyuma vy’igitabo c’Ivyahishuriwe, nko guterera antikristo na wa muvugishwa w’ibinyoma mu kiyaga caka umuriro, kuboha Satani, no gutunganya intwaro ya Kristo kw’isi yose (raba Ivyah. 19:20 – 20:4).

Inganji y’Imyaka Igihumbi (The Millennium)

Inganji y’imyaka igihumbi ni igihe Yesu azokwiganzira isi yose ikiringo c’imyaka igihumbi (raba Ivyah. 20:3, 5, 7), bizoba inyuma y’ihamwa ry’imyaka ndwi. Yesaya yeretswe inganji ya Kristo kw’isi haraheze imyaka ibihumbi bitatu:

Kuk’umwana atuvukuye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amaharo. Ukugwira kw’ubutware bwiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bwami bwiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ingabo uzoshitsa ivyo (Yes. 9:6-7, hongeweko insobanuro).

Nik’umumarayika Gaburiyeli yabwiye Mariya k’umuhungu wiwe azoganza ibihe bidashira:

Umumarayika aramubwira, ati “Nta co utinya, Mariya, kuk’ugiriwe ubuntu n’Imana. Umve uzosama inda, uvyare umuhungu, kand’uze umwite YESU. Azoba mukuru, azokwitwa umwana w’Iyisumba vyose, kand’Umwami Imana azomuha intebe y’ubwami ya sekuruza Dawidi, ahangame mu nzu ya Yakobo ibihe bidashira; ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo” (Luka 1:30-33, hongeweko insobanuro).

[12]

 

Mur’iyo nganji y’imyaka igihumbi, Yesu azoganzira ku musozi Siyoni w’i Yerusalemu, uzoshirwa hejuru n’icubahiro ciwe. Inganji yiwe izorangwa n’imanza zibereye mu mahanga yose, kandi mw’isi yose hazoba amahoro:

Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw’ingoro y’Uhoraho uzogasara ku mpinga z’imisozi, uzoshirwa hejuru y’inyindi mirambi, kand’amahanga yose azosendanisha aja kuri wo. Amoko menshi azojayo, abarirane, ati “Nimuze tuduge, tuje ku murwa w’Uhoraho, ku ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw’itigishe ivy’inzira zayo, natwe tuzigenderemwo” kukw’i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho. Azocira imanza amahanga, atature amako menshi, inkora zabo bazozivunjamw’amasuka, n’amacumu bazoyavunjamw’inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi (Yes. 2:2-4).

Zekariya na we yarabihanuyeko:

Rit’Uku ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize, ati “Mfuhiye i Siyoni ifuhe ryinshi, mpafuhiye mfise uburake bwinshi.” Uku nik’Uhoraho agize, ati “Ngarutse i Siyoni, ngerere hagati y’i Yerusalemu, kandi Yerusalemu hazokwitwa Umurwa w’Umwizigirwa; kand’umusozi w’Uhoraho Nyen’ingabo uzokwitwa Umusozi wera”….nik’Uhoraho agize, ati “ Hazoza amahanga azananye n’ababa mu bisagara vyinshi; kand’ababa mu gisagara kimwe bazoja mu kindi, bavuge, bati Ni muze twihute tuje gusaba Uhoraho umugisha, dusiguze Uhoraho Nyen’ingabo; natwe turajana.” N’ukuri koko abantu benshi n’amahanga akomeye bazoza gusiguza Uhoraho Nyen’ingabo i Yerusalemu, no kumusaba umugisha, uku nik’Uhoraho nyen’ingabo agize, ati “mur’iyo misi abantu cumi bazova mu mahanga y’indimi zidahwanye, bafate umutwe w’impuzu y’Umuyuda, bamubwire, ‘Turajana, kuko twumvise yukw’Imana iri kumwe namwe’” (Zek. 8:2-3, 20-23).

Bibiliya yigisha yukw’abizera bazoganza na Kristo mur’iyo myaka igihumbi. Bazoshingwa ibikorwa mur’ubwo bwami hisunzwe ubwizigirwa bafise ubu mur’iki gihe (raba Dan. 7:27; Luka 19:12-27; 1Kor. 6:1-3; Ivyah. 2:26-27; 5:9-10; na 22:3-5).

Tuzobatwambaye imibiri yacu y’ubwiza ariko har’abantu bazoba bagifise imibiri ibora kw’isi mur’ico gihe. Ikindi na co, ukabaho kutagira iherezo ni kwo kuzoranga abera, kandi ibikoko vy’inkazi ntibizoba bigitera ubwoba:

Kani nzohimbarirwa n’i Yerusalemu, nezerwe n’abantu banje: kand’ijwi ryo kurira ntirizohumvikana ukundi; cank’ijwi ryo kuboroga. Ntihazokwongera kubamw’abapfa bakiri inzoya, cank’umutama adasozereye imyaka yiwe; kuk’umwana azopfa amaze imyaka ijana, kand’uwukenyutse ntashitse ijana azoba yavumwe….Ibingira n’umwagazi w’intama bizorishanya; intambwe izorisha ubwatsi nk’inka, kand’umukungugu ni wo uzoba ivyo kurya vy’inzoka. Ntibizoryana canke ngo bigire ico vyica ku musozi wanje wera iy’uva ukagera, nik’Uhoraho agize. (Yes. 65:19-20, 25; raba na Yes. 11:6-9).

Har’ivyanditswe vyinshi muri Bibiliya bivuga ku ngaji y’imyaka igihumbi, cane cane mw’Isezerano rya Kera. Usahaka kubimenya cane, raba Yes. 11:6-16; 25:1-12; 35:1-10; Yer. 23:1-5; Yoweli 2:30-3:21; Amosi 9:11-15; Mik. 4:1-7; Zef. 3:14-20; Zek. 14:9-21; n’Ivyah. 20:1-6.

Hari na zaburi nyinshi zivuga kur’iyo ngaji y’imyaka igihumbi. Akarorero, soma Zaburi 48:

Uhoraho arahambaye, abereye gushimirwa cane ku murwa w’Imana yacu, ku musozi wayo wera. Umusozi Siyoni, uri mu ruhande rw’i buraruko, igihagararo cawo ni ciza, ni wo binezaneza vy’isi yose, ni wo murwa w’Umwami ahambaye. Imana imenyekanishije mu ngo zo kuri wo kw’ar’igihome kirekire gikingira abantu. Kand’abami barakorakoranye, bawurenganira icarimwe, barawuraba, baca baratangara, bacika ivutu, bahunga vuba. Agatengo kabafatirayo, n’uburibwe, nk’umugore aramutswe ( Zab. 48:1-6, dushimikiye ku nsobanuro).

Igihe Yesu azoshinga ubutware bwiwe i Yerusalemu kun tango y’imyaka igihumbi, biboneka yukw’abatware b’isi bazorokoka igihe c’ihamwa bazokwumva inkuru y’ingaji ya Yesu bafate ingendo baje kuvyirabira ubwabo! Bazojugumizwa n’ivyo bazobona.

[13]

 

Izindi zaburi zivuga kur’iyo myaka igihumbi y’ingaji ya Kristo; raba Zab. 2:1-12; 24:1-10; 47:1-9; 66:1-7; 68:15-17; 99:1-9; na 100:1-5.

Igihugu Gihoraho (The Eternal State)

Kw’iherezo ry’iyo ngaji y’imyaka igihumbi ni ho Bibiliya itwereka “Igihugu gihoraho,” ari co si nshasha n’ijuru risha. Ni ho Yesu azoshikiriza Se ibintu vyose, nk’uko tubibona muri 1Korinto 15:24-28:

Iherezo rizoca rishika, ah’azoshikiriza Imana ubwami, ni yo Data wa twese, niyamara gukurah’ubukuru bwose, n’ububasha bwose, n’ubushobozi bwose. Kuko [Yesu] guhangama azokwama ahangama gushitsa ah’azoshirira abansi biwe bose musi y’ibirenge vyiwe. Urupfu ni we mumenja w’imperera azorandurwa. Kuko handitswe, ngo “Yamuhaye kuganza vyose, ibishira musi y’ibirenge vyiwe.” [Ps. 8:6] Ariko kw’ivuga, it’Ahawe kuganza vyose; biraboneka yukw’Iyamuhaye [Se] kuganza vyose itabiharurwamwo. Ariko niyamara gushikirizwa inganji ya vyose, ni ho n’Umwana ubwiwe azoganzwa n’Iyamuhaye inganji ya vyose, ngw’Imana ibe vyose muri vyose.

Satani, azoba yaraboshwe imyaka igihumbi, azorekurwa ku mpera y’imyaka igihumbi. Ni ho azoca ahenda indwarya ziyitira Yesu zitatumvira na gato (Zab. 66:3).

Imana izokwemerera Satani kubahenda kugira ngw’imitima yabo igaragarire bose uko yar’imeze maze icibwekw’iteka. Mur’uko guhendwa na we, ni ho bazokoranira hamwe ngo barwanye umurwa wera, Yerusalemu, biyumvirako bashobora guhirika intwaro ya Yesu. Iyo ntambara ntizomara akanya kuk’umuriro uzotibuka uva mw’ijuru utikize ingabo zose zitonze urugamba, na Satani azoca atererwa mu kiyaga caka umuriro n’ibizuku (raba Ivyah. 20:7-10).

Uko gutonda urugamba kwarahishuriwe muri Zaburi 2:

Abanyamahanga n’iki kibateye umuvurungano? N’amoko yagiriye ingingo iki ivy’ubusa? Abami bo mw’isi baragomoye, n’abakuru bahurije ingingo hamwe kurwanya Uhoraho n’Uwo [Kristo] yarobanuje amavuta; bati ngo “ ducagagure imvuto batubohesheje, dute kure ingoyi badushizemwo.” Umwe avyagiye mw’ijuru azobatwengera mw’ijigo: Umwami Imana azobakengera. Maz’azobabarirana uburake bwiwe, azobateza ubwoba uguhambara kwiwe gukomeye, ati “Ni jewe niyimikiye umwami wanje kuri Siyoni, umurwa wanje wera.” Ndavuga [uyu ni Yesu avuga] rya jambo rishinzwe: Uhoraho yarambwiye, at’’Ur’Ubura bwanje’ uyu musi ndakuvyaye. Nsaba, nzoguha amahanga, az’abe umwandu wawe, n’impera z’isi zize zibe ishamvu yawe. Uzobavunaguza inkoni y’icuma, uzobamenagura nk’ibibumbano. Noneho rero, mwa bami, ni muce ubwenge, mwa bacamanza bo mw’isi, ni mwemere kugirwa inama. Musabe Uhoraho mwubashe, munezeranwe guhinda agashitsi. Mugumbire urya Mwana, kugira ngo ntarake, namwe mugahonera mu nzira, kuk’uburake bwiwe bwoca buziriringa!

Urubanza rwa Nyuma (A Final Judgment)

Imbere y’ukuza kw’igihugu gihoraho, hari urubanza rwa nyuma ruzoba. Abagabitanya b’igihe cose bazozuka bahagarare imbere y’Imana no gucirwa izikwiranye n’ivyo bakoze (raba Ivyah. 20:5, 11-15). Umuntu wese ari muri Hadezi (i kuzimu) azocirwa urubanza, nk’uko vyitwa “Intebe Year y’Amateka,” bace batererwa muri Gehinomu, ikiyaga c’umuriro. Ni rwo “rupfu rwa kabiri” (Ivyah. 20:14).

Igihugu gihoraho kizobahw’igihe isi n’ijuru rya mbere bizokurwaho, n’ih’isezerano Yesu yavuze mu myaka ibihumbi bibiri bishize: “Ijuru n’isi bizorangira, arikw’amajambo yanje nta co azoba” (Mat. 24:35).

Ni h’Imana izorema ijuru risha n’isi nsha nk’uko Petero yabivuze mu cete ciwe ca kabiri:

Arik’umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma, h’amajuru azovaho, hakaba n’ukwasama guhambaye; ivy’itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo bigatongoka. None, kw’ivyo vyose bizoshonga birtyo, mukwiye kumera mute mu ngeso zera no mu kwubaha Imana, no mukurereka ukuza kw’umusi w’Imana muwuhahamiye, uzotuma amajuru ashongeshwa no gusha, kand’ivy’itanguriro vyose bikayagishwa n’ikibengebenge gikaze? Ariko nk’uko yasezeranye, turetse ijuru n’isi nsha, ivyo kugororoka bizobamwo (2 Pet. 3:10-14; raba na Yes. 65:17-18).

Mu kurangiza, Yerusalemu nsha izokwururuka iva mw’ijuru (raba Ivyah. 21:1-2). Ivyiyumviro vyacu ntibishobora gutahura neza cane ubwiza bw’ico gisagara, uburinganire bwaco buruta Leta zunze ubumwe z’Amerika (raba Ivyah. 21:16), kandi kizobamw’ibitangaza bitagira iherezo. Tuzobaho neza bihebuje, tuganzwa n’Imana, kubw’icubahiro ca Yesu Kristo!

 


[1]

Ibindi vyanditswe bikeya vyerekanako Paulo yizera yukw’igaruka rya Yesu rizoba we n’abo yandikiye bakiri kw’isi yanditswe muri Fil. 3:20; 1 Tes. 3:13; 5:23; 2 Tes. 2:1-5; 1 Tim. 6:14-15; Tit. 2:11-13; Heb. 9:28.

[2]

Ibindi vyanditswe vyerekana ko Petero yizera ko Yesu azogaruka bakiri kw’isi 2 Pet. 1:15-19; 3:3-15.

[3]

Mariko 13:3 havuga amazina y’abantu bane bari ngaho: Petero, Yakobo, Yohana na Ndereya. Dusanga iyo nsiguri yo kuri Elayano yandikwa muri Mariko 13:1-37 na Luka 21:5-36. Luka 17:22-37 niko handitswe na ho nyene.

[4]

Iri sezerano rikunda gukurwa mu yandi majambo arikikuje, bakavugakw’ari imbere yo kugaruka kwa Yesu, ari ho igikorwa co kuvuga ubutumwa kizorangira. Iriko turirabiye mu majambo arikikuje, dusanga iri sezerano rivuga kw’ivugabutumwa rya nyuma mw’isi iherezo ritaraba.

[5]

Iduzwa ry’ishengero ryoba mur’iki gihe tubona ngaha nk’uko bamwe babivuga mur’iyi myaka ndwi, Yesu ntiyrikubwira abamwizera guhungira ku misozi kuko boba baramaze kuduzwa mw’ijuru.

[6]

Ibi bihushanya n’abavugakw’amajambo ya Yesu ku musozi wa Elayono araba abizera b’Abayuda gusa bazoba bavutse ubwa kabiri igihe c’ihamwa kukw’abavutse ubwa kabiri bose imbere y’igihe c’ihamwa bategerezwa kuba bamaze kuduzwa mw’ijuru. Oya, Paulo yabwiye abanyamanga bizeye bari i Tesalonika yukw’iduzwa ryabo no kugaruka kwa Kristo ritazoba imbere yuko antikristo yiyita Imana, kand’ivyo bizoba hagati ya yamyaka ndwi.

[7]

Bamwe bavuga yukw’izuka ryiwe ryavuzwe mu vyahishuriwe 20:4-6 ari igice ca kabiri c’izuka rya mbere, izuka ryabaye igihe Kristo yaza ubwa mbere gutora ishengero. None abo ivyo babikura hehe? Namba izuka tubona mu Vyahisuriwe 20:4-6 ar’izuka rya kabiri koko , ni kuki ritiswe “izuka rya kabiri”?

[8]

N’ah’abari ngaho igihe Yesu yavuga ivyo bintu vyose bizerakw’ari rwo ruvyaro ruzobona ivyo bintu vyose, turabona kw’atari babwirwa vy’ukuri. Ni co gituma dutegerezwa gusobanura amajambo ya Yesu yo muri 24:34 kw’ivyo bintu bizoshika mu ruvyaro rumwe gusa, canke kumbure ubwoko (kuko har’ah’ijambo uruganwe risobanurwa gurtyo) bw’abakristo (cank’abayuda) bitarashika.

[9]

Nta tandukaniro ririho nimba umuntu ari mu gihano c’Imana mur’utwo turorero ari we azojanwa cank’azosigara, nk’uko benshi bakunda kubiharirako. Icigwa kiri ngaho n’uko bamwe bazoba biteguye igihe co kugaruka kwa Yesu ariko hazoba harih’abandi batazoba biteguye. Ingene bazosangwa bameze ni vyo bizobamenyesha aho bazoba mw’ijuru.

[10]

Biragaragara, kubona Yesu ahanura abigishwa biwe ngo baze bitegure igihe co kugaruka kwiwe, bisigurako vyarashoboka ko basangwa batiteguye. Icatumye ababwira tukw’igihano c’ibihe bidashira kuzoshikira abazosangwa batiteguye kuber’icaha, n’uko yabonyeko bashobora gutakaza agakiza kubera icaha. Bitwereka ingene ukwezwa ari ngira kamaro cane, n’ubujuju bw’abavugakw’abakijijwe n’aho bokora icaha ntibashora gutakaza agakiza kabo.

[11]

Ibi bitwereka kw’ingoro y’i Yerusalemu itegerezwa kuzokwubakwa, kuko mur’iki gihe ata ngoro iri i Yerusalemu (gushika iki gihe biriko birandikwa mu mwaka 2005).

[12]

Iki canditswe cerekana ingene vyoroshe kwihenda mu guharura ibihe vy’urukurikira rw’ivyavugishijwe nk’uko biri mu vyanditswe. Mariya yarigushobora kwihenda akiyumvirak’Umwana agiye kuvyara azoca aja ku nganji ya Dawidi mu myaka mikeya. Gaburiyeli aramubwirakw’azovyara umuhungu azoganza ab’i nzu ya Yakobo, nk’ah’umenga ivuka rya Yesu n’inganji yiwe bizoba ibintu bibiri bitandukanye. Mariya ntiyarigushobora kwiyumvira yuko n’imiburiburi hazohera imyaka 2.000 hagati yavyo. Natwe dutegerezwa kwirinda kugira amakosha nk’ayo igihe dusobanura ivy’abavugishwa n’Imana.

[13]

Turavye ibindi vyanditswe, tubona iyo nganji y’imyaka igihumbi izotangura, isi itarimw’abizera gusa, ariko isobar irimwo n’abatizera (raba Yes. 2:1-5; 60:1-5; Dan. 7:13-14).