Ivy’Inyuma y’Ubu Bugingo (The Afterlife)

Igice ca Mirongwibiri n’Indwi (Chapter Twenty-Seven)

Abakristo benshi bazi yukw’igihe abantu bapfuye, baja mw’ijuru cank’i kuzimu. Si bose batahura yukw’ijuru atari co kibanza abagororotsi bazokwamamwo, kand’i kuzimu si co kibanza abagarariji bazokwamamwo ibihe bidashira.

Igihe uwizera Kristo yitavye Imana, impwemu/ubugingo bwiwe buja mw’ijuru ah’Imana iri (raba 2Kor. 5:6-8; Fil. 1:21-23; 1Tes. 4:14). Muri kazoza, Imana izorema ijuru n’isi nsha, kandi Yerusalemu nshasha izomanuka iva mw’ijuru (raba 2Pet. 3:13; Ivyah. 21:1-2). Ni ho abagororotsi bazoba ibihe bidashira.

Igihe abagabitanya bapfuye, baja i Hadesi, aho ni ho bazorindirira izuka ry’imibiri yabo. Umusi ushitse, bazohagarara imbere y’Imana ibacire urubanza bajugunywe mu kiyaga caka umuriro n’ibizuku, Gehinomu muri Bibiliya. Ibi ni vyo tugiye kwihweza twisunga ivyanditswe.

Igihe Umunyavyaha Apfuye (When the Unrighteous Die)

Kugira dutahure neza ibishikira umunyavyaha apfuye, twihweze amajambo atatu y’Igiheburayo n’Ikigiriki asobanura ibibanza bitandukanye. N’aho ivyo bibanza bitatu bitandukanye, Bibiliya ivyita kuzimu. Ivyo bibanza birazazanira cane abasomyi.

Ica mbere, ni ijambo ryo mw’Isezerano rya Kera ryasobanuwe Sheol.

Ijambo Sheol rivugwa incuro zirenga mirongwitandatu mw’Isezerano rya Kera. Risigura ikibanza kijamwo abagabitanya igihe bapfuye. Igihe Kora n’abamushigikiye kugarariza Mose mu bugaragwa, Imana yabahinishije kumirwa n’isi, bo n’ivyo batunze vyose. Ivyanditswe bivugako ngo:

Nuko bo n’ivyabo vyose bamanuka i kuzimu (Sheol); isi ibarengako, bararanduka, bazimangana mur’iryo shengero (Guh. 16:33, dushimikiye ku nsobanuro).

Muri kahise ka Isirayeli, Imana yaburiye Isirayeli ivugak’umuriro w’uburake bwayo waka gushika i kuzimu (Sheol):

Kuk’umuriro w’uburake bwanje udometswe, watse ugashika hasi i kuzimu (Sheol), ugatongora isi n’ivyeze kuri yo, ukadomeka amatanguriro y’imisozi (Gus. 32:22, dushimikiye ku nsobanuro).

Umwami Dawidi yavuze ati,

Abanyakibi bazosubizwa i kuzimu (Sheol), mbere n’amahanga yose yibagira Imana (Zab. 9:17, dushimikiye ku nsobanuro).

Kandi yasengeye abagabitanya asaba ati,

Urupfu rubazeko giturumbuka, bamanuke baje i kuzimu (Sheol) bakibona, kuko gukora ivyaha kuri mu ngo zabo no mu mutima wabo (Zab. 55:15, dushimikiye ku nsobanuro).

Mu guhanura imisore ihurumbira maraya, umunyabwe Salomo yanditse ati,

Inzu yiwe ni inzira ija i kuzimu (Sheol), imanuka irora i wabo w’urupfu (Sheol) (Imig. 7:27; 9:18, dushimikiye ku nsobanuro).

Salomo yanditse iyindi migani yerekanako umugororotsi adashobora kuja muri Sheol:

Ku munyabwenge inzira y’ubugingo iduga irora hejuru, kugira ngw’atandukane n’i kuzimu (Sheol) i bwina (Imig. 15:24, dushimikiye ku nsobanuro).

[Umwana wawe] uzumukubite inkoni, ni ho azokiza ubugingo bwiwe ntibuje i kuzimu (Sheol) (Imig. 23:14, dushimikiye ku nsobanuro)

Rero, mu gushigikira ivyo Yesu yavuze ku vy’i kuzimu, Yesaya yavugishijweko bazotererwa i Sheol:

Hasi i kuzimu (Sheol) harashwabadutse kugusanganira; hakanguye abapfuye kubwawe; ni bo bahambaye bose bo mw’isi; havyagurukije abami bose b’amahanga ku ntebe zabo. Abo bose bazokubaza, bati “Mbega nawe uhindutse umunyantege nke nkatwe. Icubahiro cawe kimanuwe i kuzimu Sheol; bo n’amajwi y’inanga yawe; ugaranzuriwe inyo nyene ni zo zikworoshe.” Ewe kuntu ukorotse uvuye kw’ijuru, wa nyenyeri yo mu rubungubungu we, wa mwana w’umutwenzi! Ew’ingene uciwe gushika hasi, wewe watsinda amahanga! Wari waribariye mu mutima, “uti Nzoduga nje hejuru, nkuze ingoma yanje isumbe inyenyeri z’Imana; uti Nzovyagira ku musozi w’ikoraniro mu ruhande rw’impera.”uti “Nzoduga ndenge ah’ibicu bigarukira; nzoba nk’Iyisumba vyose.” Yamara uzomanurwa, ushike i kuzimu, ushike mu bwigobeko bwa rwa rwobo. Abazokubona bazoguhanga, bakwitegereze, bati Mbeg’uyu ni we yahindisha isi agashitsi, agashira ubwami bwinshi mu gatengo? Ni we yahindura isi nk’ubugaragwa, agakomvomvora ibisagara vyo muri yo, ntarekure abafashwe mpiri ngo basubire i wabo?” (Yes. 14:9-17, dushimikiye ku nsobanuro).

Ivyo vyanditswe hamwe n’ibindi bituma twizera ko Sheol ari ikibanza c’imibabaro abagabitanya baboherwamwo bamaze gupfa. Kandi hari n’ibindi bivyemeza.

Hadezi (Hades)

Ijambo ry’Ikigiriki mw’Isezerano Rishasha, Hades, risigura ca kibanza Isezerano rya Kera ryita Sheol. Kugira ngo tuvyemeze, turashobora kugereranya Zaburi 16:10 n’Ivyakozwe n’Intumwa 2:27 handitswe ngo:

Kuk’utazoreka ubugingo bwanje buje i kuzimu (Sheol); kandi ntuzokundira Uwera wawe ngw’az’abore (Zab. 16:10, dushimikiye ku nsobanuro).

Kuk’utazoreka ubugingo bwanje ngo buje i Kuzimu (Hades), kandi ntuzotanga Uwera wawe ngw’az’abore (Ivyak. 2:27, dushimikiye ku nsobanuro o).

Ko bimeze gurtyo, biratangaje kubonako muri utwo turorero twose cumi ijambo Hades rikoreshwa mw’Isezerano Rishasha, havugwako ari ikibanza c’imibabaro abagabitanya baboherwamwo igihe bapfuye (raba Mat. 11:23; 16:18; Luka 10:15; 16:23; Ivyak. 2:27; 2:31; Ivyah. 1:18; 6:8; 20:13-14). Ubugira kandi, ibi vyose bivugako Sheol/Hadezi ari ikibanza abagabitanya bababarizwamwo igihe bapfuye.

[1]

 

Mbega Yesu Yarashitse i Sheol/Hadezi? (Did Jesus Go to Sheol/Hades?)

Dusubire kuraba Zaburi 16:10 n’ivyo Petero yavuze mu Vyakozwe n’intumwa 2:27, hari imirongo ibiri yerekanako Sheol na Hadezi ari ikibanza kimwe. Turavye ivyo Petero yavuze ku musi wa Penteko, Dawidi ntiyariko yivuga ubwiwe muri Zaburi 16:10, ariko yavugishwa kuri Kristo, kuk’umubiri wa Dawidi waboze, ariko uwa Kristo ntiwaboze (raba Ivyak. 2:29-31). Yesu ubwiwe ni we abwira Se muri Zaburi 16:10, yizerako Se adashobora guhebera ubugingo bwiwe i Sheol canke yemereko umubiri wiwe ubore.

Hari abantu bamwe bavuga ko ubugingo bwa Yesu bwagiye i Sheol/Hadezi ya misi itatu yo hagati y’urupfu n’izuka ryiwe. Arikw’ivyo si vyo twihweje ivyo Yesu yabwiye Se:

Kuk’utazoreka ubugingo bwanje ngo buje i Kuzimu (Sheol); kandi ntuzokundira Uwera wawe ngw’az’abore (Zab. 16:10).

Yesu ntiyabwiye Se, ati “Ndazikw’ubugingo bwanje buzuba imisi mikeya i Sheol/Hadezi, ariko ndizerako utazonsigayo.” Yavuze ati, “Ndizerako igihe nzopfa ntazoshirwa hamwe n’abagabitanya, ng’ubugingo bwanje buje i Sheol/Hadezi. Nta n’umunota nzogira yo. Oya, ndizerako ufise umugambi wokunzura mu misi itatu, kandi ntuzokwemera umubiri wanje ubore.”

Iyi nsobanuro ni yo. Igihe Yesu yavuga ati, “Kandi Ntuzokundira Uwera wawe ngw’az’abore,” dusobanuye gurtyo bisigurako umubiri wa Yesu wagiye uhinduka mu kiringo c’imisi itatu gushika aho ugirwa musha ku musi w’izuka ryiwe. Ivyo tubivuga twerekanak’umubiri wiwe utigeze ubora guhera uhereye ku rupfu ugashitsa kw’izuka.

Nk’uko nyene, ijambo ryiwe rivugak’ubugingo bwiwe butazoja i Sheol/Hadezi ntirisobanurako yagiye i Sheol/Hadezi imisi mikeya ntiyaheberwayo burundu.

[2]

Ahubwo, hasobanurako ubugingo bwiwe butagiriwe ibigirirwa abagabitanya baja i Sheol/Hadezi bavuye muri ubu bugingo. Ubugingo bwiwe ntibwari gushobora kumarayo n’umunota. Menya kandi ko Yesu yavuze, ati “ Ntuzoreka ubugingo bwanje ngo buje i Sheol,” ntiyavuze ngo, “Ntuzoreka ubugingo bwanje bugume i Sheol.”

None Ubugingo bwa Yesu Bwamaze Iyo Misi Itatatu Hehe?

(Where Was Jesus’ Soul During the Three Days?)

Ibukako Yesu yabwiye abigishwa biwe kw’azomara imisi itatatu mu nda y’isi (raba Mat. 12:40). Ntibisigurako umubiri wiwe wamaze imisi itatu mu mva, kuko tuzi yuko mu mva “ari mu nda y’isi.” Ahubwo, yavuze yukw’impwemu/cank’ubugingo bwiwe buzoja i bwina bw’isi. Ni co gituma tuvugako ubugingo bwiwe butari mw’ijuru mu kiringo kiri hagati y’urupfu n’izuka ryiwe. Yesu yavyemeje igihe c’izuka ryiwe aho yabwira Mariya kw’ataraja kwa Se (raba Yohana 20:17).

Wame wibukako Yesu yabwiye wa musuma ko baza kubana i Paradizo kur’uyo musi nyene (raba Luka 23:43). Dushize ibi bintu vyose hamwe, tubonako ubugingo/umutima wiwe wabaye imisi itatu mu nda y’isi. N’imiburiburi yari mu kibanza yise “Paradizo,” ikibanza kidashobora kwitiranwa na gato n’ikibanza c’imibabaro citwa Sheol/Hadezi!

Ibi bituma niyumvirako hari ikibanza mu nda y’isi atari Sheol/Hadezi, ariko citwa Paradizo. Iki ciyumviro na co kirwanywa n’inkuru Yesu yavuze ku bantu babiri bapfuye, umwe yari umugororotsi uwundi uwugabitanya, umutunzi na Lazaro. Turabe iyo nkuru:

Habaye umuntu w’umutunzi yambara impuzu z’inyambarabami n’izera nziza, yama adibamye mu vyiza imisi yose. Kandi hariho n’umworo yitwa Lazaro, yatembagara kw’irembo ryiwe yatonyanga ibisebe. Yifuza guhazwa n’udukorokera musi y’ameza y’uno mutunzi, kand’imbwa na zo zaraza zikamurigata ibisebe. Hanyuma wa mworo arapfa, abamarayika bamujana mu gikiriza ca Aburahamu: na wamutunzi arapfa, arahambwa. Ar’i kuzimu (Hadezi) ararangamiza, ababazwa cane. Abona Aburahamu ari kure, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe. Aratabaza, ati “Aburahamu muvyeyi, ngirira ikigongwe, rungika Lazaro akoze isonga y’urutoke mu mazi, amfuvye ururimi, kuko nsererejwe mur’uru rubeya.” Aburahamu aramubwira, ati “Mwana wanje, ibuka yuko wahawe ivyiza vyawe ukiriho, Lazaro na we yahawe ibibi: non’amariwe imibabaro hano, nawe urasererezwa.” Mber’uhuye n’ivyo, hagati yacu na we har’iminga ihambaye yashizweho kugira ngo ni hagira uwugomba kuva ino bakaja aho muri ntibabishobore, kandi ngo ntibave iyo ngo bashike aho turi” (Luka 16:19-26, dushimikiye ku nsobanuro).

Lazaro n’uyo mutunzi ntibari mu mubiri igihe bapfa, ariko barafashe urugendo rubajana mu bibanza bikwiranye n’ivyo bakoze bakiri kwisi.

Lazaro Yari Hehe? (Where Was Lazarus?)

N’aho Umutunzi yari i hadezi, yarashobora kubona Lazaro mu kindi kibanza. Lazaro yari ahitwa “mu gikiriza ca Aburahamu,” ico s’ikibanza ariko ni ikimenyetso co kuruhuka Lazaro yaronse.

Mbega hagati ya wa mutunzi na Lazaro hari urugendo rungana gute?

Ivyanditswe bivuga ko umutunzi yabonye Lazaro “ari kure,” kandi tubwirwako hari ”imanga nini” hagati yabo. Urugendo rwari hagati yabo umwe wese ashobora kurusobanura ukw’avyumva. Ariko turashobora kuvuga yuk’urwo rugendo rutangana n’ururi hagati y’inda y’isi n’ijuru. Mu yandi majambo, umutunzi ntiyarikubona Lazaro (adafashijwe n’Imana). Ntihari kuvugwa ivy’”imanga nini” hagati y’ivyo bibanza bibiri. Iyo manga yashizweho kugira abantu ntibashobora kuva mu kibanza kimwe baja mu kindi. Ikirengeye vyose, umutunzi “yarasemereye” Aburahamu aramwumva kandi aramwishura. Bituma twiyumvirako bari hafi na hafi kuko bavugana umwe ari ku ruhande rumwe ry’iyo “manga nini.”

Bituma nizerako Lazaro atari mw’ijuru, ari mu nda y’isi, mu kibanza gitandukanye n’ivyo bibanza bibiri tumaze kuvuga.

[3]

Gishobora kuba ari co kibanza Yesu yise Paradizo yabwira wa musuma yihana. Ni co kibanza abera bo mw’Isezerano rya Kera bapfuye bajamwo. Aho Lazaro yagiye ni ho Yesu na wamwambuzi bagiye.

Niho n’uwavugishwa n’Imana Samweli yaja igihe yapfa. Tubona muri 1Samweli 28 igihe Imana yemerera impwemu ya Samweli n’aho yaramaze gupfa ngw’ihanurire Sauli. Wa mupfumu yayise “ishusho ry’Imana iduga iva i kuzimu” (1 Sam. 28:13, dushimikiye ku nsobanuro). Samweli yibwirira Sauli, ati “N’iki gitumye uza kunkoma, ukanzura?” (1 Sam. 28:15, dushimikiye ku nsobanuro). Biboneka yukw’impwemu/cank’ubugingo bwa Samweli bwari muri Paradizo mu nda y’isi.

Ivyanditswe vyemezako ku musi w’izuka rya Kristo, iyo Paradizo yakuwemw’abo yari ifise. Abagorotsi bapfuye mu gihe c’Isezerano rya Kera nabo bajanwa na Yesu mw’ijuru. Ivyanditswe bivugako Yesu yaduganywe mw’ijuru avuye i bwina mw’isi, “Afata mpiri ibihumbi vy’ingabo yanesheje (Efe. 4:8-9; Zab. 68:18). Abo bavugwa ndizerako ari bo bari muri Paradizo. Yesu ntiyabohoye abantu bari i Sheol/Hadezi!

[4]

 

Yesu Yabwirije Impwemu Ziboshe (Jesus Preached to Spirits in Prison)

Ivyanditswe bitubwirako hari abantu Yesu yabwirije, batagira imibiri, mu gihe kiri hagati y’urupfu n’izuka ryiwe. Tubisanga muri 1Petero 3:

Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahorwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabiranya, kugirangw’adushikire Iman; yishwe umubiri ariko yahinduwe muzima mu buryo bw’impwemu: ni bwo yagiyemwo abarira impwemu ziri mw’ibohero ijambo ry’Imana kera, hamwe ukwihangana kwayo kwari kukirorereye mu misi ya Nowa, bwa bwato bukibazwa; muri bwo harokokeye abantu bakeya, bashika umunani, bakirijwe mu mazi (1 Pet. 3:18-20).

Iki gice c’ivyanditswe cama gitera ibibazo ntashobora gutangira inyishu vyose. ariko ni wibaze icotuma Yesu abwira ubutumwa abagarariji bamwe gusa bapfuye igihe c’umwuzure kuri Nowa? None yaba yarababwiye iki?

Uko bimeze kwose, iki canditswe cerekanako Yesu atabaye i Paradizo ya misi itatu iri hagati y’urupfu n’izuka ryiwe.

Gehinomu (Gehenna)

Mu gihe cacu, igihe imibiri y’abagororotsi ipfuye, impwemu/cank’ubugingo bwabo buja mw’ijuru (raba 2Kor. 5:6-8; Fil. 1:21-23; 1Tes. 4:14).

Abagabitanya n’ubu baracaja i Sheol/Hadezi aho bababarizwa mu kurindira izuka ry’imibiri yabo, icirwekw’iteka ry’ibihe bidashira, bace batererwa mu “kiyaga c’umuriro,” ico kibanza kiratandukanye n’i Sheol/Hadezi.

Harii ijambo rya gatatu ryita ico kibanza i kuzimu, riva mu Kigiriki Gehenna. Iri jambo riva mw’izina ryasobanura igisumanyenzi canke nyabarega yari hanze ya Yerusalemu mu kiyaya c’i Hinoni, yari imicafu yuzuye inyenzi n’inyo, aho hama hatumuka akotsi k’umuriro wama uhaturira igihe cose.

Igihe Yesu yavuga ivya Gehinomu, yahavuze yerekanako hameze nk’ikibanza abanyavyaha bazotererwamwo bari mu mibiri. Akarorero, yaravuze mu njili ya Matayo:

N’ukuboko kwawe kw’iburyo ni kwagutsitaza, uguce igikonjo, ugute kure: vyokubera vyiza gupfa urugingo rwawe rumwe, hak’umubiri wawe wose woja muri Gehinomu [i kuzimu]….Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane-cane mutinye uwushobora guhonereza ubugingo n’ umubiri muri Gehinomu [i kuzimu] (Mat. 5:30, 10:28, dushimikiye ku nsobanuro).

Gehinomu na Hadezi ntibishobora kwitiranwa kukw’ivyanditswe bivugakw’abagabitanya barungikwa i Hadezi ari impwemu/cank’ubugingo gusa ata mubiri bafise. Inyuma y’inganji ya kristo imyaka igihumbi ni ho imibiri y’abagabitanya izo zuka icirwe urubanza imbere y’Imana ni ho bazoca batererwa mu kiyaga caka umuriro, canke Gehinomu (raba Ivyah. 20:5, 11-15). Ikirengeye vyose, na Hadezi ubwayo umusi umwe izotererwa mur’ico kiyaga caka umuriro (sama Ivyah. 20:14), ni co gituma tuvugakw’ico kibanza gitandukanye n’ikiyaga caka umuriro.

Tartarosi (Tartaros)

Ijambo rya kane bakunda gusobanura kuzimu mu vyanditswe ni ijambo ry’Ikigiriki ryitwa tartaros. Turibona rimwe gusa mw’Isezerano Rishasha:

Kuko, kw’Imana itagiriye ikigongwe abamarayika bakoze ivyaha, arikw’ikabakororera i kuzimu [tartaros], ikabashira mu vyobo vy’umwiza, ngo barindirwe kuzocirwakw’iteka (2 Pet. 2:4).

Tartarosi ni ibohero ridasanzwe ryashiriwe abamarayika bacumuye; Nuko rero, ntidushobora kuhagereranya na Sheol/Hadezi canke Gehinomu. Na Yuda yaravuze ku bamarayika baboshwe:

N’abamarayika batagumye mu bukuru bwabo, ariko bataye ahantu habo, ibarindira kuzocirwakw’iteka ryo ku musi uhambaye, bari mu minyororo idashira no mu mwiza (Yuda 6).

Amarushwa Y’i Kuzimu (The Horrors of Hell)

Igihe umuntu apfuye atihanye, nta kandi karyo ko kwihana azosubira kuronka. Ahaja harateguw. Bibiliya ivuga iti, “kandi nk’ukw’abantu babikiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza amateka” (Heb. 9:27).

Gehinomu yamaho ibihe bidashira, kandi abinjiyemwo ntibashobora kuvayo. Mu kuvuga amateka y’abagabitanya, Yesu yavuze ati, “Abo bazoja mu gihano kidashira, ariko abagororotsi bazoja mu bugingo budashira” (Mat. 25:46, dushimikiye ku nsobanuro). Igihano c’i kuzimu kizomara umwanya ungana n’uwo abagororotsi bazomara i Paradizo.

Na Paulo yaravyanditswe, ati:

Kukw’ar’ibigororotse ku Mana kwishura amarushwa abayabatera…Bazohanwa, ni kwo guhona kw’ibihe bidashira, kuva mu nyonga h’Umwami no mu bwiza bw’ubugororotsi bwiwe (2 Tes. 1:6-9, dushimikiye ku nsobanuro).

Gehinomu ni ikibanza c’imibabaro itovugwa kukw’abantu bazohanirwayo ibihe bidashira. Bagumeyo, ibihe n’ibihe, abagabitanya bazokwikorera urubanza rwabo rw’ibihe bidashira no guseserezwa n’urubanza rw’Imana ry’umuriro utazima.

Yesu yagereranije i kuzimu n’ikibanza “kitagira umuco,” aho bazorira no gusyana intsa z’amemyo” (raba Mat. 22:13; Mariko 9:44). Dufise igikorwa co gukangura abantu tubamenyesha ivy’ico kibanza no kubabwira ku gakiza Kristo atanga!

Hari idini ryigisha purigatori, ikibanza abantu bazojamwo igihe bapfuye barorereye gukurwako ivyaha vyabo bashobore kwinjira mw’ijuru. arikw’ivyo nta hantu na hamwe tubona vyanditswe muri Bibiliya.

Igihe Abagororotsi Bapfuye (The Righteous After Death)

Uwizera apfuye, impwemu yiwe ija kubana n’Umwami mw’ijuru. Paulo yarabisobanuye cane igihe yandika uko bizogenda igihe azopfa:

Kuko kubwanje kubaho ari Kristo, kandi gupfa ar’inyungu. Ariko namb’ari kubaho mu mubiri, ico kizonyamira imbuto z’igikorwa, kandi sinzi ico mpitamwo. Ndazazaniwe mur’ivyo bibiri, kuko nifuza gutaha ngo mbane na Kristo, kukw’ari co kirushirije cane (Fil. 1:21-23, dushimikiye ku nsobanuro).

Menyako Paulo yavuzeko yifuza gutaha kandi hageze kw’ataha, abane na Kristo. Impwemu yiwe ntizobura ubwenge, irindiriye izuka (nk’uko bamwe bavyiyumvira).

Kandi menya yuko Paulo yavuze ko kuri we, gupfa ar’ inyungu. Ivyo bishoboka gusa igihe azikw’azoja mw’ijuru apfuye.

Paulo yarasubiye kuvuga mu cete wiwe ca kabiri yandikiye ab’i Korinto yukw’ impwe- mu y’uwizera ivuye mu mubiri wiwe, aba “atashe ku Mwami”:

Ni co gituma na ntaryo turinda mu mutima, tumenya yukw’iyo tur’iwacu mu mubiri tuba tugerereye kure y’Umwami wacu…n’ukugerera kure y’umubiri, tukaba i wacu ku Mwami wacu (2 Kor. 5:6-8).

Mu kuvyemeza cane, Paulo asubira kwandika ati:

Ariko bene Data, ntitugomba ko muyoberwa ivy’abasinzira itiro ry’urupfu, ngo ntimubabare nka ba bandi badafise ivyizigiro. Uko twizera yuko Yesu yapfuye akazuka, abe ariko twizera yukw’abasinziriye muri Yesu, Imana izobazanana na we. (1 Tes. 4:13-14).

Namba Yesu azozana na bo bauye mw’ijuru igihe azogarukira “ abasinziriye,” bategerezwa kuba bari mw’ijuru hamwe na we.

Guhishurirwa Ijuru (Heaven Foreseen)

Mbega ijuru risa gute? Mu bwenge bwacu bw’umubiri ntituzokwigera tubona canke dushobora kuvuga uko ubwiza buturindiriye mw’ijuru bungana, kandi na Bibiliya iduhishurira igice gusa. Ikintu kinezereza cane abizera n’uko tuzobona Umwami n’Umukiza wacu mw’ijuru, Yesu, hamwe n’Imana Data imbona nkubone. Tuzoba mu “nzu ya Data”:

I muhira kwa Data har’amazu menshi, iy’aba atariho, mba ndabibabwiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu. Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngw’aho ndi namwe abe ari ho muba (Yohana 14:2-3).

Igihe tuzoshika mw’ijuru, amabanga menshi ubwenge bwacu budashobora gutahura tuzoyatahura yose. Paulo yanditse ati,

Kuk’ubu turabira mu cirore ivyijiji, arikw’ico gihe tuzoraba nk’abarabana imbonankubone. Ubu nzi agace, arikw’ico gihe nzomenya rwose nk’uko namenywe rwose (1 Kor. 13:12).

Igitabo c’ivyahishuriwe Yohana kiraduha ishusho ry’ijuru. Yarivuze nk’ikibanza gikorerwamwo ibintu vyinshi, c’ubwiza buhebuje, ibintu vyama bigirwa bishasha, n’umunezero utovugwa, ijuru s’ikibanza abantu bazojamwo birirwe baryama canke baririmba imisi yose!

Yohana, yigeze guhishurirwa ivy’ijuru, yatanguye kuvuga ku ntebe y’inganji y’Imana yaremye vyose:

Ako kanya mba muri Mpwemu: kandi mbona intebe iteretse mw’ijuru, mbona n’Uwuyivyagiyeko. Uwar’avyagiye yasa n’akabuyenge kitwa yasipi n’akitwa sarudiyo: kand’umunywamazi war’ukikije iyo ntebe, usa n’akitwa sumaragido. Iyo ntebe yar’ikikijwe n’izindi ntebe mirongwibiri na zine: kur’izo ntebe mbona abakuru mirongwibiri na bane bazicayeko, bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo har’ibitsibo vy’izahabu. Kandi kuri ya ntebe y’ubwami hava imiravyo n’amajwi n’imituragaro: kand’imuri ndwi z’umuriro zakira imbere y’iyo ntebe, ni zo Mpwemu ndwi z’Imana: kand’imbere y’iyo ntebe hari nk’ikiyaga c’ibirahuri, gisa n’urubona: kandi hagati ahahanganye n’iyo ntebe no kuyikikuza har’ibinyabugingo bine vyuzuye amaso imbere n’inyuma. Ikinyabugingo ca mbere casa n’intambwe, ica kabiri casa n’inyana, ica gatatu cari gifise mu maso hasa n’uh’umuntu, ica kane case n’inkukuma iguruka. Ivyo binyabugingo bine bifise amababa atandatu-atandatu, kandi vyuzuye amaso impande zose n’imbere mu nda: ntibiruhuka ku murango no mw’ijoro, vyama bivuga, bit’”Uwera, Uwera, Uwera, ni we Mwami Imana, ashobora vyose, yamyeho, kand’ariho, kand’agira aze. Kand’iyo vya binyabugingo bihaye uguhimbazwa n’icubahiro n’ishimwe Iyivyagiye kuri ya ntebe, ni yo Ibaho ibihe bitazoshira, ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’Iyivyagiye kur’iyo ntebe, bagasenga Iyibaho ibihe bidashira, bagaterera ibitsibo vyabo imbere y’iyo ntebe bavuga, bati “Mwamu wacu, Mana yacu, birakubereye guhabwa uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw’ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’icatumye biremwa, n’uko wabigomvye” (Ivyah. 4:2-11).

Yohana yaragerageje gusobanura mu majambo yo kw’isi agereranya n’ivyo mw’isi. Biragaragara, ntidushobora gutahura ivyo yavuze tutavyiboneye twebwe nyene. Ariko kubisoma biduha igitutu cavyo.

Ibice bitwigisha cane kuvyo mw’ijuru tubisanga mu vyahishuriwe Yohana ku bice vya 21 na 22, aho Yohana yavuga kuri Yerusalemu, izomanuka kw’isi inyuma y’ingaji ya Kristo y’imyaka igihumbi:

Anjana ku musozi munini muremure ndi muri Mpwemu, anyereka umurwa wera Yerusalemu, wururuka uva mw’ijuru ku Mana, ufise ubwiza bw’Imana. Ugukayangana kwawo gusa n’ukw’ibuye ry’akabuyenge ry’igico kinini cane, nk’akabuyenge kitwa yasipi kabonerana nk’icirore, uzigujwe n’urugo runini rurerure rufise ibirimba cumi na bibiri, no mu birimba harih’abamarayika cumi na babiri….Uwavugana nanje yar’afise irenga ry’izahabu ry’ikigeresho kugira ngw’agere uwo murwa n’ibirimba vyawo n’ibirimba vyawo n’urugo rwawo. Uwo murwa ungana impande zose, uburebure bungana n’ubwaguke….Urugo rwawo rwubakishijwe yasipi, umurwa war’izahabu ishize inkamba imeze nk’ibirahuri bishize inkamba nyene….kand’ibirimba ukw’ari cumi na bibiri, vyar’imarigarita cumi na zibiri: ikirimba kimwe cubakishijwe imarigarita imwe, birtyo birtyo. Irango rya wa murwa ryar’izahabu nziza, isa n’ibirahuri bibonerana. Kandi sinabonye urusengero kuri wo, kuk’Umwami Imana ishobora vyose na wa Mwagazi ari bo rusengero rwawo…..Anyereka uruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’icirore, ruva ku ntebe y’Imana na wa mwagazi. Hagati y’irango rya wa murwa, hakurya no hakuno y’urwo ruzi harih’igiti c’ubugingo, cera icumi na kabiri mu mwaka, kikera rimwe-rimwe uk’ukwezi gutashe; ibibabi vyaco vyar’ivyo kuvura amahanga. Nta muvumo uzoba ukiriho. Intebe y’Imana na wa Mwagazi izoba muri wa murwa, abagurano bayo bazokwama bashashe, bazoraba mu nyonga hayo, izina ryayo rizokwandikwa mu ruhanga rwabo. Nta joro rizoba rikiriho, kandi ntibazorindwa kubonesherezwa n’itara canke kwakirwa n’izuba, kuk’Umwami Imana ari yo izobakira, kandi bazoba abami ibihe bitazoshira” (Ivyah. 21:10-22:5).

Uwukurikira Yesu wese ashobora arindira ivyo bitangaza yihanganye ari mu kwizera. Nta nkeka, tuzoba imisi yacu ya mbere mw’ijuru tubwirana, ngo “Oho! Ibi nivyo Yohana yagerageje kwandika mu gitabo c’Ivyahishuriwe!”

 


[1]

Hari abantu bafatira ku vyanditswe bikeya, nk’Ita. 37:35, Yobu 14:13, Zab. 89:48, Umus. 9:10 na Yes. 38:9-10, bavugako Sheol ari ikibanza cajamwo abagororotsi igihe bapfuye. Ariko ivyanditswe vyemeza ibindi. Nimba Sheol yajamwo abagabitanya n’abagororotsi igihe bapfuye, Sheol itegerezwa kuba yari ifise ivyumba bibiri, kimwe citwa kuzimu ikindi citwa paradizo, n’ivyo nyene ntibavyemera.

[2]

Abemera iyi nsobanuro bategerezwa kwemera inyigisho ziyiherekeza. Imwe ivugako Sheol/Hadezi ari izina ry’ikibanza abagabitanya baboherwamwo igihe bapfuye hamwe n’abagororotsi, ariko gifise ivyumba bibiri bitandukanye. Kimwe ni co kubabarizwamwo ikindi citwa Paradizo ari na co Yesu yagiyemwo. Iyindi nyigisho ivugako Yesu yagiye mur’iyo mibababo kubw’abanyavyaha imisi itatu mu muriro w’i Sheol/Hadezi kuko yafashe ikibanza c’abanyavyaha kugira ngw’aducungure. Arikw’izo nyigisho zompi nta canditswe kizemeza, kandi nta co zidufasha igihe zivuga ko Yesu yabaye imisi itatu i Sheol/Hadezi. Iyo nyigisho ya kabiri, Yesu ntiyamaze imisi itatu mu muriro kubw’abanyavyaha mu kiringo kiri hagati y’urupfu n’izuka ryiwe, kukw’agakiza kacu kaguzwe imibabaro yiwe yo ku musaraba (raba Kol. 1:22), s’imibabaro yo mu muriro w’i Sheol/Hadezi.

[3]

Menyako Lazaro na wa mutunzi, n’aho batandukanye n’imibiri yabo, bari bakomeye bafise ubwenge bwo kubona, kwumva no gukorako. Barashobora kwumva umubabaro cank’umunezero bibuka n’ivyo baciyemwo muri kahise. Ibi birwanya inyigisho z’”impwemu zisinziriye,” iciyumviro c’abo bavugakw’igihe umuntu apfuye, impwemu yiwe irasinzirizwa ata bwenge ifise irindiriye umusi w’izuka ry’imibiri yabo.

[4]

Hari abantu biyumvira, kumbure harimw’ukuri, yukw’iminyago ivugwa mu Banyefeso 4:8-9 ni igihe twese twari tujakariye gukora icaha, ariko ubu tumaze kubohorwa n’izuka rya Kristo.

To subscribe to David Servant's periodic e-teachings, click here.


Kirundi » Ivy’Inyuma y’Ubu Bugingo (The Afterlife)

Gutozwa Indero n’Imana (God’s Discipline)

Igice ca Miringwibiri na Gatanu (Chapter Twenty-Five)

Nuko mushire imitima kur’uyo yihanganiye ibihari bihambaye birtyo abanyavyaha bamuharirije, ntimucobogore, ntimudendebukirwe mu mitima yanyu. Ntimuragera ku kivishwa amaraso murwanya icaha, kandi mwibagiye rya jambo ribahubura ribahanura nk’abana, “ngo Mwana wanje, ntugaye igikangiro c’Uhoraho, kandi ntudendebukirwe ni yaguhana. Kuk’uwo Uhoraho akunda ari we akangira, kand’aramagura uwo yemera wese kw’ar’umwana wiwe.” Ico mukwiriye kwahanganira n’ugutozwa indero nziza. Imana ibagirira nk’abana bayo. N’umwana ki adakangirwa na se? Ariko namba mudakangirwa nk’ic’abandi bose bakorerwa, mur’ibivyarwa, ntimur’ubura bwayo. Kandi twari dufise ba data b’imibiri, baradukangira, natwe tukabubaha: none ntizorushiriza cane kugororokera Se w’impwemu tugahoraho? Kuko ba bandi badukangira imisi mike nk’uko bagomba, ariko we adukangira ikigira ikimazi kugira ngo dusangire na we ukwera kwiwe. Nta gikangiro kibonekako giteye umunezero ako kanya, atar’umubabaro, atar’umubabaro, ariko hacuma abamenyerejwe na co kibamira imbuto zizana amahoro no kugororoka. Nuko mugorore amaboko acitse urudendevu, n’amavi aregarega: kandi muharurire ibirenge vyanyu inzira zigororotse, kugira ngw’igihinyiza ntigikondoke, ariko gikire (Heb. 12:3-13).

Nk’uko tubwirwa n;uwavugutiwe kwandika igi gitabo ku Baheburayo, Data wo mw’ijuru akangira abana biwe. Tutemeye gukangirwa na we, bisigurako tutar’abana biwe. Nuko dutegerezwa kwemera no guca bugufi igihe adutoza indero. Bwamwe mu biyita abakristo, bashinzwe no kurondera imigisha n’ivyiza biva ku Mana, bavugakw’ibibabaza vyose biva kuri wa Mubi bagahakanakw’ata mubabaro n’umwe uva mw’ijuru. Ni ikosha rinini kukw’Imana ishobora kubikoresha ngo bitume umuntu yihana.

Abavyeyi beza bo kw’isi bakangira abana babo bizerako bituma baca ubwenge, bakura, no guhagarara neza mu buzima bw’abakuze. Uko nyene nikw’Imana idukangira bigatuma dukura mu mpwemu, tugashobora gukora neza igikorwa cayo, no gushobora guhagarara imbere y’intebe y’amateka yayo tudatinya. Idukangira kukw’idukunda, kandi kukw’ishaka ko dusangira ukwera kwayo. Data wo mw’ijuru yitwararika cane ugukura kwacu mu mpwemu. Ivyanditswe bivuga, ng’“Uwatanguye igikorwa ciza muri mwebwe azogiheraheza gushitsa ku musi wa Yesu Kristo” (Fil. 1:6).

Nta mwana anezerwa igihe abavyeyi bamukubise, n’igihe dutozwa indero n’Imana, “ntibiryoha, ahubwo birababaza,” nk’uko twavyisomeye. Kw’iherezo, dusanga twarahindutse cane kukw’igikangira kituzanira “icamwa c’amahoro no kugororoka.”

Ni ryari na Gute Imana Idukangira? (When and How Does God Discipline Us?)

Nk’umuvyeyi mwiza wese, Imana ikangira abana bayo igihe bayigararije gusa. Igihe cose tugararije Imana, tubatwishize mu gikangiro ciya. Hamwe n’ivyo, Umwami yuzuye ubuntu, yama aduha akanya ko kwihana. Kenshi igikangiro kiza igihe tubandinije kumugarariza ntitwumvire imburi zayo.

None Imana idukangira gute? Nk’uko twabibonye mu gice giheruka, igikangiro c’Imana gishobora kuza mw’ishusho ry’indwara, integenke, no gupfa giturumbuka:

Ni co gituma benshi muri mwebwe bagira intege nke, abandi bakagwaragurika, kand’abatari bake bakaba barapfuye. Arikw’iyo twimenye uko turi, ntidutsindwa n;urubanza. Arikw’iyo dutsinzwe n’urubanza duhanwa n’Umwami, kugira ngo ntituze dutsindwe n’urubanza rudashira hamwe n’ab’isi (1 Kor. 11:30-32).

Ariko ntidushobora kuvugakw’indwara zose ar’igikangiro c’Imana (raba nk’ivyashikiye Yobu). Igihe dutewe n’indwara, ni vyiza kwisuzuma mu mpwemu ko twoba twarugururiye umuryango igihano c’Imana kuko twanse kuyumvira.

Turashobora gukira urubanza rw’Imana iyo twisuzumye—bisigura, kwemera icaha twakoze no kucihana. Birumvikanako dushobora gusaba ugukira tumaze kwihana indwara Imana yaduhanishije.

Kuvyerekeye urubanza rw’Imana, Paulo yavuzeko tubadusimvye gutsindwa n’urubanza hamwe n’ab’isi. Bisigura iki? Ni co kimwe no kuvugakw’iyo twihanye bituma tudatererwa mu muriro hamwe n’ab’isi. Abiyumvirakw’atar’ukwihana gutuma umuntu aja mw’ijuru barashobora kutabitahura. Ariko kuri bamwe bumvise insiguro ya Yesu ku Musozi, bazikw’abumvira Imana gusa ari bo bazoja mu bwami bwayo (raba Mat. 7:21). Rero, igihe tubanda mu caha tukanka kucihana, turashobora no kubura ubugingo budashira. Imana ishimwe kukw’igikangiro cayo gituma twihana ntituje mu muriro!

Imana Ikoresha Satani mu Kuduhana (Satan as a Tool of God’s Judgment)

Ivyanditswe vyinshi bitwereka kw’Imana ishobora gukoresha Satana mu kudukangira. Akarorero, umugani w’umukozi adatanga imbabazi dusanga muri Matayo 18, Yesu yavuzeko shebuja wa wa mukozi “yarakaye cane” igihe yumvako wa mukozi yanse guharira uwar’amuheraniye. Bituma ashikiriza wa mukozi adaharira “abasoda gushika arishe ivyo yar’aheranye vyose” (Mat. 18:34). Yesu arangiza avuga avyeruye aya majambo:

Na Data wo mw’ijuru nikw’azobagirira, ni mutaharirana, umuntu wese ngw’aharire muginzi we bivuye mu mutima (Mat. 18:35).

“Abasoda” ni nde? Bagereranywa na wa mubi n’abadayimoni. Imana ishobora kureka umwe mu bana bayo atayumvira agaterwa n’abadayimoni ngo bitume yihana. Amagorwa n’ibigeragezo bituma abantu bihana—nka wa mwana w’icangazi (raba Luka 15:14-19).

Mw’Isezerano rya Kera, tubona uturorero twinshi Imana ikoresha Satani cank’impwemu mbi mu gukangira canke gucira urubanza abantu bakwiriye kurakarirwa na yo. Akarorero kamwe tugasanga mu gice c’icenda c’igitabo c’Abacamanza, aho dusoma kw’”Imana yarungitse impwemu mbi hagati ya Abimeleki na Shekemu” (Abac. 9:23) aho yabacira imanza kubw’ibibi bakoreye Abagideyoni.

Bibiliya iravuga kandi kw’“impwemu mbi irungitswe n’Uhoraho” yama ifata Umwami Sauli bwa gikange bitume yihana (1 Sam 16:14). Saulo ntiyarushe yihana, ni co catumye apfira mu rugamba.

Utu turorero twompi tubona mw’Isezerano rya Kera, ivyanditswe bivugakw ’ impwemu mbi “zarungikwa n’Uhoraho.” Ntibisigurakw’Imana ifise impwemu mbi mw’ijuru yama akoresha. Ahubwo, Imana yemerera impwemu mbi za Satani gukora ikibi gishingiwe akarimbi kugira ngw’abagararije Imana bababare bihane.

Izindi Nzira zo Gukangirwa n’Imana (Other Means of God’s Discipline)

Mw’Isezerano rya Kera, tubona Imana yahanisha abantu bayo amapfa canke kuganzwa n’ayandi mahanga. Kand’igihe bihanye yaca ibakura umwansi ku gakanu. Igihe banse kwihana imyaka igahera bari mu ntambara no kutumvira imburi, Imana yaca ibarekurira mu nyagano bakava mu gihugu cabo.

Mw’Isezerano Rishasha, Imana irashobora gukangira abana bayo mu kwemerakw’ivyago bibatera, cank’abansi bakabacunaguza. Akarorero, ivyanditswe bivuga kuva ku ntango y’iki gice ivyo gukangirwa n’Imana (Heb. 12:3-13) kukw’abizera mu Baheburayo bari mw’ihamwa kubwo kwizera kwabo. S’ubwoko bwose bw’ihamwa, butumwa no kutumvira. Ikintu cose gitegerezwa kwigwa ukwaco.

Kwemera Gukangirwa n’Imana (Rightly Reacting to God’s Discipline)

Dukurikije impanuro twahereyeko ku ntango z’iki gice, hari uburyo bubiri bwo gutahura igikangiro c’Imana. Turashobora “gusuzugura igikangira c’Umwami” canke “tugacika intege igihe aduhanye” (Heb. 12:5). Igihe “dusuzuguye” igihano c’Imana, bisigurako tucirengagije, canke tutaziko turiko turaburirwa. Gucika intege igihe Imana idukangira bisigura guheba kuyihimbara kuko twiyumvirakw’igihano yaduhaye kiturengeye. Vyompi si vyo. dutegerezwa kumenyakw’Imana idukunda, kandi kw’igihano ciwe kiza ku neza yacu. Igihe dutahuyekw’iduhana kukw’idukunda, duca twihana tugaharirwa.

Igihe twihanye, turatezurirwa. N’aho bimeze gurtyo, ntidushobora kwiyumvira kw’ ingaruka z’icaha twakoze tuzikira, n’aho dusaba imbabazi no gufashwa n’Imana. Imana ntiyirengagiza umutima uciye bugufi (raba Yesaya 66:2). Bibiliya isezerana k’ ” uburake bwiwe ar’ubw’akanya isase, arik’ubuntu bwiwe bwamaho igihe cose umuntu akiri, ukurira kworarira umuntu mw’ijoro, ariko mu gitondo impundu ziravuga” (Zab. 30:5).

Imaze guhana Abisirayeli, Imana ibasezeranya ngo:

Mbaye ndagutaye akanya gato, ariko nzokwiyegereza ngufitiye imbabazi nyinshi. Uburake bwaraziririnze, nguhisha inyonga zanje akanya gato, ariko nzokugirira imbabazi z’urukundo rutazoshira, ni jewe Uhoraho Umucunguzi wawe mbivuze (Yes. 54:7-8).

Imana ni nziza kandi ni nyabuntu!

Ushaka kumenya vyinshi ku gikangira c’Imana, raba 2 Ngom. 6:24-31, 36-39; 7:13-14; Zab. 73:14; 94:12-13; 106:40-46; 118:18; 119:67, 71; Yer. 2:29-30; 5:23-25; 14:12; 30:11; Hag. 1:2-13; 2:17; Ivyak. 5:1-11; Ivyah. 3:19.

To subscribe to David Servant's periodic e-teachings, click here.


Kirundi » Gutozwa Indero n’Imana (God’s Discipline)

Kwisonzesha (Fasting)

Igice ca Mirongwibiri na Gatandatu (Chapter Twenty-Six)

 

Kwizonsesha ni kwiyima indya n’ico kunywa/ cank’ico kunywa gusa ikiringo runaka.

Bibiliya ivuga uturorero twinshi tw’abantu bisonzesheje. Bamwe biyimye kurya indya zose, abandi bifunga indya zimwe barya kanaka gusa igihe cose co kwisonzesha kwabo. Akarorero k’ivyo vya kabiri ni amasengesho y’indwi zitatu Daniyeli yagize, aho atarya “indya ziryoshe…inyama cank’umuvinyu” (Dan. 10:3).

Hari uturorero dukeya tw’abantu bifunze indya n’amazi, arik’ubu bwoko bwo kwisonzesha bwagirwa gake kabaho kandi utegerezwa kuba urongowe n’Imana ngo wisonzeshe imisi irenga itatu. Igihe Mose, yisonzesha imisi mirongwine atarya atanywa, yari imbere y’Imana, gushika n’aho ishusho ryiwe rica ibibatsi (raba Kuv. 34:28-29). Yarasubiye kwisonzesha imisi 40 ubugira kabiri (raba Gus. 9:9, 18). Yategekwa n’Imana kwisonzesha, kandi ntawushobora kwigane Mose adategetswe n’Imana. Ntibishoboka, kiretse Imana ubwayo ibigutegetse, k’umuntu ababandanya kubaho atanywa amazi imisi mikeya gusa. Gukama amazi mu mubiri birica. Abantu bafise amagara meza barashobora kubandanya kubaho imishamvu mikeya gusa.

Ni Kuki Twisonzesha? (Why Fast?)

Ukwisonzesha gufise inyungu zibiri, gusenga no kurondera ubugombe bw’Imana. Nta hantu na hamwe uzobona muri Bibiliya abantu bisonzesha nyakuri batariko barasenga. Nta nyungu yo kwisonzesha utariko urasenga.

[1]

Uturorero tubiri two kwisonzesha dusanga mu vyakozwe n’intumwa, twerekana ugusenga. Akarorero ka mbere (raba Ivyak. 13:1-3), intumwa n’abigisha i Antiyokiya bariko “barasenga no kwisonzesha.” Igihe babikora, bararonse uguhishurirwa batuma Paulo na Barunaba kuvuga ubutumwa. Akarorero ka kabiri, Paulo na Barunaba bariko bagena abakuru b’ishengero mu mashengero mashasha y’i Galatiya. Ni ho dusomako,

Kandi bamaze kubatorera abakuru mu mashengero yose, no gusenga bisonzesha, babaragiza Umwami Yesu uwo bizeye (Ivyak. 14:23).

Birashoboka ko mu karorero ka kabiri, Paulo na Barunaba bariko bigana Yesu, kuko yasenze ijoro ryose imbere yo kugenaa za ntumwa cumi na zibiri (raba Luka 6:12). Ingingo ngenderwako, imbere yo kugena abarongozi mu vy’impwemu, utegerezwa gusenga gushika wemezwe neza ko utahuye ubugombe bw’Umwami. Uko kwisonzesha kurangwa n’ugusenga umwanya munini. Nimba Isezerano Rishasha ritegekakw’ababiranye birinda gatoya kugira baronke umwanya wo gusenga (raba 1Kor. 7:5), turashobora gutahura iciza co kwirinda kurya.

[2]

 

Rero igihe dusaba Imana kuturongora imbere yo gufata ingingo mu mpwemu, ukwisonzesha kurafasha cane mur’ico gihe. Gusengera ibindi bintu bishobora kugirwa mu mwanya mutoya. Ntidukeneye kwisonzesha, igihe tugomba kugira isengesho rya Data wa twese. Gusaba kurongorwa n’Imana ni vyo bifata umwanya munini kuko “tudatahura cane ijwi ry’Imana,” kukw’ijwi ry’Imana rizimagizwa n’amajwi y’ivyo duhahamira n’izindi ntumbero mbi, canke kuko tutagira umwete. Kumenyeshwa ubugombe bw’Imana birashobora gufata umwanya muremure wo gusenga, aho ni ho kwisonzesha gukenerwa cane.

Kandi, gufata umwanya wo gusenga mu ntumbero nziza vyungura impwemu. Ni co gituma, twofata ukwisonzesha nk’inzira nziza yo kwikomeza no gushobozwa mu mpwemu—igihe cose ukwisonzesha kwacu kurangwa no gusenga. Dusoma mu gitabo c’ivyakozwe n’intumwa kw’intumwa za mbere zitaho “gusenga no kwigisha ijambo” (Ivyak. 6:4). Ivyo biduhishurira ibanga ry’ubushobozi n’inkomezi zabo.

Ukwisonzesha Kubi (Wrong Reasons to Fast)

Ko tumaze gushiraho itanguriro ryiza ryo kwisonzesha mw’Isezerano Rishasha, reka turabe rero intumbero zo kwisonzesha ivyanditswe bitemera.

Abantu benshi basenga biyumvirako Imana ica ibaha inyishu buno nyene. Yesu, yatubwiye yukw’ikintu ca mbere gituma amasengesho yacu yishurwa ni ukwizera, si ukwisonzesha (raba Mat. 21:22). Ukwisonzesha “ntiguhindura ukuboko kw’Imana,” kandi s’ukubwira Imana ngo, “Mana n’Utishura amasengesho yanje ndiyica n’inzara!” ukwo s’ukwisonzesha Bibiliya yemera—uko n’ukwiyahura! Ibukako Dawidi yasenze yisonzesha imisi itari mike ng’umwana yavyaye kuri Betisheba akire, arik’umwana yarapfuye kukw’Imana yarikw’ihana Dawidi. Ukwisonzesha kwiwe ntikwahinduye ikintu na kimwe. Dawidi ntiyasenze mu kwizera kukw’ata sezerano yar’afise ahagararako . Yisonzesheje asaba igihushanye c’ubugombe bw’Imana. Ivyo tubibwirwa n’inyishu yahawe.

Ukwisonzesha si ko kuzana ikanguro. Nta karorero na kamwe kabitwereka mw’Isezerano Rishasha. Ahubwo, intumwa zumviye Yesu ziravuga ubutumwa gusa. Igisagara canse kubakira, baca bumvira Yesu, bagakunkumura umukungugu w’ibirenge vyabo bakibandaniriza mu gisagara gikurikira (raba Luka 9:5; Ivyak. 13:49-51). Ntibaca biherera ngo bisonzeshe, basangangure “ibisika vy’ugarije impwemu zaho hantu,” ngo ni vyo bizana ikanguro. Nk’uko twabivuze, ukwisonzesha kurimwo ugusenga ni kwo gufasha abariko baravuga ubutumwa, bigatuma baba abakozi b’ikanguro. Abahizi mu kwizera dusoma muri kahise k’Ishengero bari abagore n’abagabo bisonzesha no gusenga.

Kwisonzesha s’”ukunesha umubiri,” kuko kurya ata caha kirimwo, ahubwo “ibikorwa vya kameremere” nk’uko bivugwa mu Bagalatiya 5:19-21. Kwisonzesha bituma umuntu ashobora kuganza umubiri wiwe, kandi ni ivyo biratuma turongorwa na Mpwemu.

Kwisonzesha ngo werekane ko uri umunyampwemu canke werekane ko ukunda Imana ni uguta umwanya kandi ni uburyarya. Ni co catuma Abafarisayo bisonzesha, kandi ni co catuma Yesu arabahambarira cane (raba Mat. 6:16; 23:5).

Abandi bisonzesha kugira ngo baneshe Satani. N’ivyo si vyo. Ivyanditswe bisezeranako turwanya Satani mu kwizera ijambo ry’Imana, na we agahunga (raba Yak. 4:7; 1Pet. 5:8-9). Nta kwisonzesha dukenera ngaho.

Yesu ntiyavuzeko hari abadayimoni bukurwa no “gusenga no kwisonzesha”?

Ivyo yabivuze igihe hari umuntu ategerezwa kubohorwa ubwoko kanaka bw’abada-yimoni, ariko ntibisigura ko dutegerezwa kwisonzesha ngo turonke inkomezi zo kunesha impyampi Satani aturasa, kukw’abizera bose barwana iyo ntambara.

None ayo majambo ya Yesu ntavugako dutegerezwa kwisonzesha tuneshe abadayimoni?

Ibuka yukw’igihe Yesu yumvakw’abigishwa biwe bananiwe gusenda umudayimoni yiganziye wa mwana babazanira, ikintu ca mbere ca mubabaje ni ukwizera guke bari bafise (Mat. 17:17). Igihe abigishwa bamubajije icatumye bananirwa, yabishuye yuko ari ukwizera kwabo guke (raba Mat. 17:20). Ni ho yongerako akandi kajambo ati, “[Ariko ben’urya ntakurwamwo n’ikindi atar’ugusenga no kwisonzesha” (Mat. 17:21). Iri jambo ryashizwe mu twamugina kuko ritari mu vyanditswe vy’injili ya Matayo. Uwanditse Bibiliya y’icongereza ( New American Standard Version, kandi yubahwa cane mu bavuga icongereza) yerekana kw’iryo jambo ritari mu vyanditswe vya kera, bishobokako Yesu atavuze yuko “ben’urya ntakurwamwo n’ikindi atar’ugusenga no kwisonzesha.” Abavuga icongereza bafise insobanuro zitandukanye za Bibiliya mu rurimi rwabo, arikw’izo nsobanuro zose ntiziva ku nyandiko za kera z’Igiheburayo n’Ikigiriki. Basobanura Bibiliya yitwa King James Version, iyo nsobanuro imaze imyaka amajana ane.

Mu njili yanditswe na Mariko mu zindi Bibiliya z’icongereza, Yesu yavuze iryo jambo ukundi, “Arabishura, ati Ben’irya ntikurwamwo n’ikindi atar’ugusenga (Mariko 9:29), arikw’izindi Bibiliya zongeyeko no “kwisonzesha.”

Nimba Yesu yaravuze ayo majambo koko, ntibituma twiyumvirako kwisonzesha bishoboza umuntu gusenda abadayimoni. Yesu ahaye umuntu ububasha bwo gukuramw’abadayimoni, nk’uko yabuhaye bamwe cumi na babiri (raba Mat. 10:1), biba bikoretse. Ukwisozensha ntigushobora kuzana canke kugwiza ubwo bubasha. Kwisonzesha guha umuntu akaryo keza ko gusenga, agateza intumbwe yo kwumviriza neza umutima wiwe. Ukwizera kwiwe kubandanya gukura mu bubasha yahawe.

Menya neza ko nimba Yesu yaravuze iryo jambo koko, yavuze ku bwoko bumwe bw’idayimoni. N’aho abigishwa ba Yesu bananiwe rimwe gusenda uyo mudayimoni, barashoboye gusenda ayandi madayimoni batisonzesheje (raba Luka 10:17).

Bisigura yuko tudakwiye kwisonzesha ngo tuneshe imyampi Satani adutera.

Gushimikira cane Kuvyo Kwisonzesha (Overemphasis Regarding Fasting)

Birababaje kubona hari abakristo bagize ukwisonzesha idini. Ukwisonzesha kwarafashe ikibanza kinini cane mu bukristo bwabo. Nta cete na kimwe co mw’Isezerano Rishasha kidutegeka kwisonzesha.

[3]

Nta tegeko abizera bahawe rivuga ingene umuntu ashobora kwisonzesha cank’igihe twomara mu masengesho. Nta n’akamo ko kwisonzesha twahawe. Vyerekana yuko kwisonzesha kudafise ikibanza kinini cane mu gukurikira Yesu.

Mw’isezerano rya Kera, huzuyemwo ivyo kwisonzesha. Yari amaborogo y’igihe hapfuye umuntu canke bashaka kwihana hamwe n’igihe umuntu canke igihugu gikeneye gutabarwa (raba Abac. 20:24-28; 1Sam. 1:7-8; 7:1-6; 31:11-13; 2 Sam. 1:12; 12:15-23; 1Abami. 21:20-29; 2 Ngom. 20:1-3; Ezira 8:21-23; 10:1-6; Neh. 1:1-4; 9:1-2; Est. 4:1-3, 15-17; Zab. 35:13-14; 69:10; Yes. 58:1-7; Dan. 6:16-18; 9:1-3; Yow. 1:13-14; 2:12-17; Yona 3:4-10; Zak. 7:4-5). Ivyo rero nivyo biharawe muri iki gihe cacu.

N’Isezerano rya Kera ubwaro ryigishako abisonzesha batumvira ivyagezwe nyamukuru nko gufasha aboro, ibiruhiriza ubusa (raba Yes. 58:1-12; Zak. 7:1-14).

Nta wobeshera Yesu ko yamamaje ukwisonzesha. Abafarisayo bamurwanya kukw’ati sonzesha (raba Mat. 9:14-15). Yesa yabarwanya kuko ukwisonzesha bakurutisha amategeko yo mu mpwemu (raba Mat. 23:23; Luka 18:9-12).

Ahandi na ho, Yesu yabwiye abigishwa biwe ibijanye no kwisonzesha muri ya nsiguro yiwe yo ku musozi. Yabategetse kwisonzesha ku ntumbero nziza, bisigurako har’igihe abigishwa biwe bategerezwa kwisonzesha. Yarabasezeranye yukw’Imana izokwishura ukwisonzesha kwabo. Na we yarisonzesha mu buryo kanaka (raba Mat. 17:21). Kandi yaravuzekw’igihe kirashitse aho abigishwa biwe bazokwisonzesha (raba Luka 5:34-35).

Mbeg’Umuntu Yokwisonzesha Imisi Ingahe? (How Long Should One Fast?)

Nk’uko nabivuze, ukwisonzesha kw’imisi mirongwine dusanga muri Bibiliya kwa tegekwa n’Imana gusa. Twabonyeko Mose y’isonzesheje incuro zibiri imisi mirongwine kuko yari imbere y’Imana. Eliya na we yarisonzesheje iyo misi, ariko yabanje gufungurirwa n’umumarayika imbere y’aho (raba 1Abami 19:5-8). N’ukwisonzesha kwa Yesu imisi mirongwine kwarimwo ibintu bidasanzwe. Yajanywe na Mpwemu Yera kwisonza. Yageragejwe ukudasanzwe igihe Satani yabonye kw’agomba guheza uko kwisonzesha. Yaragendewe n’abamarayika imbere yo kurangiza uko kwisonzesha kwiwe (raba Mat. 4:1-11). Imisi mirongwine s’itegeko rya Bibiliya.

N’igihe umuntu yifunze gufungura rimwe arondera Imana, aba yisonzesheje. Iciyumviro co kuvuga yuko ukwisonzesha ari imisi umara udafungura si co.

Twa turorero tubiri two kwisonzesha turi mu vyakozwe n’intumwa (raba Ivyak. 13:1-3; 14:23), ntiyari imisi myinshi. Bashobora kuba barafungura rimwe gusa.

Kukw’intumbero yo kwisonzesha ari ukurondera Umwami, impanuro yanje n’uko wokwisonzesha imisi ushaka, gushika igihe uronka uco urondera ku Mana.

Ibukako kwisonzesha atari ugutegeka Imana. Ukwisonzesha ni ukwumviriza Mpwemu Yera mu mutima wawe. Imana ivugana n’abayo bisonzesheje canke batisonzesheje. Ingorane dufise n’uko tugomba gusubiriza ubugombe bw’Imana n’ubw’i wacu.

Impanuro Ngenderwako (Some Practical Advice)

Kwisonzesha biruhisha umubiri mu nzira imwe cank’iyindi. Umuntu arashobora kugira intege nke, uburuhe, kuribwa umutwe, gusesemwa, no kubabara umutima, kuribwa mu nda, n’ibindi. K’umuntu anywa i kawa, icayi, cank’ibindi binyobwa bifise i kawa, bimwe mur’ivyo bimenyetso bitumwa n’uko yahagaritsee kunywa i kawa. Abo bantu bategerezwa kwirinda ivyo binyobwa imisi mikeya imbere yo gutangura kwisonzesha. Umuntu amenyereye kwisonzesha igihe kanaka, asanga arushirizaho kumenyera, n’aho ashobora kugira intege nke indwi imwe canke zibiri.

Umuntu arashobora kwitwararika kunywa amazi menshi igihe co kwisonzesha kwiwe kugira ngo ntabure amazi mu mubiri.

Mu kurangiza, umuntu ategerezwa kugenda buhorobuhoro. Uko ukwisonzesha gufata imisi myinshi, ni ko uyo muntu ategerezwa gusozera neza ukwisonzesha kwiwe. Igihe inda y’umuntu idaheruka kurya ibifungurwa bigumye nk’imisi itatu, ni bibi cane gutangurira ku ndya zigumye cane. Ategerezwa gutangurira ku ndya zoroshe hamwe n’ibinyobwa biva mu vyamwa. Ukwisonzesha imisi myinshi gufata imisi kugira ng’umuntu atangure kurya indya zigumye, ariko kutarya incuro zibiri cank’imwe ntigusaba ibintu vyinshi igihe co kurangiza.

Abantu benshi, nanje ndimwo, biyumvira yuko ukwisonzesha kutababaza umubiri cane kuzana amagara meza kurusha. ndamaze kwumva intahe z’abantu bisonzesheje barwaye bakaronka gukira. Kwisonzesha kuraruhurira kandi kwoza umubiri. Ni co gituma ukwisonzesha kwa mbere ari kwo kugora cane. Abatar’igera bisonzesha bamenyeko bakeneye kwoza imibiri yabo mu kwisonzesha.

Inzara ihera hagati y’umusi wa kabiri n’uwa kane igihe umuntu yisonzesha. Igihe usubiye kugira inzara (kenshi n’inyuma y’indwi nkeya), ni ikimenyetso co kurangiza ukwisonzesha kwawe, kuk’umubiri uba utanguye kwinunuza ivyunyunyu biwugize. Ivyanditswe bivugako Yesu yashonje ku musi ugira mirongwine yisonzesha aca arahagarika (raba Mat. 4:2).

 


[1]

Ndamaze kwisonzesha imisi ndwi ata nyungu. Vyatumwe n’intumbero mbi narimfise n’aho nafashe akanya gakwiye ko gusenga.

[2]

Bibiliya yitwa King James Version kuri 1 Korinto 7:5 ivugak’umugore n’umugabo bategerezwa kwumvikana kugira baronke akanya ko kwisonzesha no gusenga.” Insobanuro nyinshi z’icongereza zivuga akanya ko gusenga, ntizivuga k’ukwisonzesha.

[3]

Paulo gusa ni we avuga ku vyo kwisonzesha kw’abubatse muri 1 Kor. 7:5, ariko mu nsobanuro zose za Bibiliya z’icongereza iryo jambo turisanga muri Bibiliya y’icongereza yitwa King James Version. Ukwisonzesha kudatumwe n’ugushaka kw’umuntu tugusanga mu Vyak. 27:21, 33-34, 1 Kor. 4:11 na 2 Kor. 6:5; 11:27. Uko kwisonzesha s’uko mu mpwemu. Kugirwa kuko umuntu yabuze ivyo kurya canke ari mu bihe bibi.

To subscribe to David Servant's periodic e-teachings, click here.


Kirundi » Kwisonzesha (Fasting)

Kwihererana, Guharira no Kwiyuzuza (Confrontation, Forgiveness and Reconciliation)

Igice ca Mirongwibiri na Kane (Chapter Twenty-Four)

Igihe twiga ku nsiguro ya Yesu yo ku musozi nk’uko twabibonye, twize ingene bikenewe cane guharira abaducumuyeko. Twanse kubaharira, Yesu yatuyekw’Imana idashobora kuduharira natwe (raba Mat. 6:14-15).

Guharira umuntu bisigura iki? Reka turabe ic’ivyanditswe vyigisha.

Yesu yagereranije guharira no guhebera umuntu umwenda (raba Mat. 18:23-35). Iyumvire umuntu agufitiye amahera ugace wanka kw’akuriha. Ugaca utabiura ico mwanditsikw’idene agufitiye. Tuba uciteze kurihwa ukundi, kandi nta shavu agifitiye wa muntu yar’agafitiye ideni. Umubonye umubona nk’umuntu atigeze agira ideni ryawe.

Turashobora kandi gutahura insobanuro yo guharira igihe turavye ingene Imana iduharira. Igihe ihariye icaha, ntiduharura nk’abantu bayicumuyeko. Ntiba ikidushavurira ukundi. Ntishobora no kuduhanira ico caha twakoze. Kuko tuba twiyujuje na yo.

Nk’uko nyene, igihe mpariye umuntu, ndamurekurira mu mutima, nka nesha agatima kwo kwihora nkerekana imbabazi. Sinshobora gushavurira wa muntu yancumurako.Tuba tumaze kwiyuzuza. Igihe nidoga canke nkagirira umuntu inzigo, nta mbabazi no ba namuhaye.

Abakristo barakunda kuhendera ngaho. Bavugako bamaze guharira umuntu, kuko bazikw’ata kundi bategerezwa kugira, ariko bakaguma bidoga canke bakagirira inzigo umuntu bavugako bahariye. Bagatinye gusubira kubonana n’uwabacumuyeko ngw’agashavu kovaha kavyuka. Ndazi ivyo ndiko ndavuga, nkuko bimaze kunshikira. Ntitukibeshe. Ibukako Yesu adashaka ko dushavurira bene Data (raba Mat. 5:22).

Reka mbaze ikibazo: twahorira uwudusavye imbabazi cank’uwutadusavye imbabazi kandi yaducumuyeko? Birumvikanako vyoroshe guharira umuntu yemera ikosha ryiwe no kurisabakw’imbabazi. Kanatsinda, biroroshe cane guharira uwusavye imbabazi kuruta uwutazisavye kandi yagucumuyeko. Guharira umuntu atasavye imbabazi biragoye.

Reka turabe urundi ruhande. Namba kudaharira uwugusavye imbabazi no kudaharira uwutagusavye imbabazi kandi yagucumuyeko ari bibi vyompi, icaha kiruta ikindi ni ikihe? Kuko twemerakw’ari bibi bisa, kudaharira uwusavye imbabazi n’ikibi kibishe.

Igitangaza Dusanga mu Vyanditswe (A Surprise from Scripture)

Ibi vyose binjana ku kindi kibazo: mbeg’Imana igombako duharira abaducumuyeko bose, na bamwe batemera guca bugufi, bature, canke badusabe imbabazi?

Igihe twiga neza ivyanditswe, dusanga inyishu ari “Oya.” Bitegerezwa gutangaza abakristo benshi, ivyanditswe bivuga neza yuko, n’aho dutegekwa gukunda umuntu wese, n’abansi bacu barimwo, ntidutegekwa guharira umuntu wese.

Akarorero, mbega Yesu yitezeko duharira uwizera wese aducumuyeko? Oya, ntiyari kurinda kutubwira intambuko zine zo kwiyuzuza dusanga muri Matayo 18:15-17, intambuko zirangizwa no kwirukana canke guca uwacumuye igihe yanse kwihana:

Mugenzawe ni yakugirira nabi, ugende umuhishuke mwiherereye; ni yakwumvira, uzoba wigaruriye mugenzawe. Ariko n’atakwumvira, ujane umwe canke babiri, kugira ngw’ijambo ryose rize riringanizwe, bivuye mu kanwa k’ivyabona bibiri canke bitatu. N’atabumvira ubwire ishengero; ni yanka kwumvira ishengero na ryo, kuri wewe azoba nk’umunyamahanga n’umutozakori.

Biragaragara, intambuko ya nyuma yanse ( aca yirukanwa), nta mbabazi aba agihabwa ukundi, guharira no kwirukana ni ibikorwa bibiri bitandukanye. Vyotangaza cane kwumva umuntu avuga, “ Twaramuhariye duca turamwirukana,”kukw’imbabazi zizana kwiyuzuza, s’igihano. (Ubona gute Imana ivuga, “ngo Ndaguhariye ariko turavavanuye?”) Yesu yatubwiye gufata wa muntu yirukanywe “nk’umunyamahanga n’umutoza kori,” ubwo ni ubwoko bubiri bw’abantu abayuda baharira ivomo.

Mu ntambuko zine Yesu yavuze, nta mbabazi zitangwa ku ntambuko ya mbere, canke ya kabiri, canke ya gatatu kiretse umuntu yihanye. Iyo atihanye inyuma kur’izo ntambuko zose, hakurikizwa iya nyuma, kumufata nk’uwudakijijwe. Arikw’igihe “akwumviye”(bisigura kwihana), bivugwako “wigaruriye mugenzawe”(bisigurako mwiyujuje).

Intumbero yo kwihererana ni guha ikibanza imbabazi. Guharira kuvana n’ukwihana k’umuntu yacumuye. Rero (1) twihererana twizigira k’uwacumuye (2) yihana bigatuma (3) tumuharira.

Ko bimeze gurtyo, Imana ntidutegeka guharira umuntu yanse kwihana kandi twarihereranye tumuhanura guhinduka akanka. Arikw’ibi ntibituma tugirira urwanko abaducumuyeko bakanka kwihana. Ahubwo, bituma twihererana na we kuko tumukunda kandi twifuza kumuharira maze twiyuzuze.

Arikw’igihe turondera kwiyuzuza tugaca kur’izo ntambuko zose zitatu Yesu yatweretse, intumbuko ya kane ishira iherezo ku migenderanire yacu nkuko Kristo abivuga.

[1]

Kuko tutemerewe kunywana n’abiyita abakristo arikw’arabasambanyi, imborerwa, n’ibindi (raba 1 Kor. 5:11), ntidushobora kugira imigenderanire n’abo biyita abakristo ariko badashaka kwihana no kwumvira ishengero. Abo bantu baba berekanyekw’atar’abigishwa ba Kristo na gato, kandi ni bo batukisha ishengero.

Akarorero k’Imana (God’s Example)

Igihe dusuzuma igikorwa cacu co guharira abandi, dutegerezwa kwibaza icotuma Imana idutegeka gukora ivya n’ay’ubwayo idashobora gukora. Vy’ukuri Imana irakunda abanyavyaha kand’ibaramvurira ibiganza vyayo vy’imbabazi ibaha ikigongwe cayo. Itevya uburake bwayo ngo baronk’akaryo ko kwihana. Arik’uguharirwa kwabo kuva k’ugusaba kwabo imbabazi. Imana ntishobora guharira abanyavyaha batihanye. Ni kuki twokwiyumvirakw’idusaba ibirenze ivy’ikora?

Ko bimeze gurtyo rero, mbeg’icaha c’ukudaharira abadusavye imbabazi ntikibabaza Imana? Biratangaje kubonakw’igihe Yesu yar’ahejeje kwigisha izo ntambuko zine ishengero ritegerezwa kwisunga imbere yo guhana umuntu, Petero yaciye abaza, atiHim,

“Munshingantahe, incuto yanje ni yangirira nabi, nzomuharira ngeze kangahe? Ngeze indwi?” Yesu aramubwira, “ati Jeho sinkubwira yuk’ugeza indwi, arik’ugeze indwi-indwi gushitsa ibihetangabo mirongwirindwi” (Mat. 18:21-22).

Mbega Petero yiyumviriyeko Yesu abategetse guharira umuntu ibihetangabo ijana igihe akoze ivyaha ijana akanka kwihana mu gihe Yesu we yarikw’avugako bamwitegereza nk’umunyamahanga cank’umutoza kori kubera icaha kimwe gusa yanse kwihana? Ivyo si vyo. Ndabisubiyemwo, ntushobora kugirira inzigo umuntu umaze guharira.

Ikindi kibazo kidutera amatsiko ni: namba Yesu ashaka ko duharira umuntu igihe cose aducumuyeko kand’adashaka kwihana, ngo tugume mu migenderanire myiza, ni kuki none atubwirako dushobora kwahukana igihe dukorewe icaha kimwe gusa, icaha c’ubusambanyi, uwomwubakanye yanse kwihana (raba Mat. 5:32)?

[2]

Ivyo ntibishobora kwumvikana.

Gusobanura (An Elaboration)

Yesu amaze kubwira Petero gutanga imbabazi ibihetangabo amajana ane n’icenda, yaciye aca umugani ufasha Petero gutahura:

Ni co gituma ubwami bwo mw’ijuru busa n’umwami yagomvye gusuzuma ivyo yabikije abantu biwe. Atanguye guharura, bamuzanira uwamuririye umwenda w’italanto ibihumbi cumi [bingana n’umushahara umukozi wo mu gihe ca Yesu yokorera imyaka 5.000.] Ariko kukw’atar’afise ico yishura, shebuja agera ko bamugura, n’umugore, n’abana, n’ivy’afise vyose, ng’umwenda wishurwe. Wa muntu yikubita hasi, amwitembagaza imbere, ati “ Mwami, nyihanganira, nzokwishura vyose.” Shebuja w’uyo muntu amugirira akagongwe, aramurekura, amuhebera wa mwenda umufitiye. Uno muntu asohotse, abona mugenzi we yamuririye umwenda w’idenariyo ijana [bingana n’imishahara y’imyaka ijana]; aramufata, amugwa mu gahogo, ati “Nyishura ivyo umperaniye.” Uyo mugenzi we yikubita hasi, aramutakambira, ati “Nyihanganira, nzokwishura vyose.” Wa wundi aranka, aragenda, amushirisha mw’ibohero, gushitsa ah’azomwishurira ivy’amufitiye. Bagenzi biwe babonye ibibaye, barababara cane, bagenda babwira shebuja ibibaye vyose. Buno shebuja aramuhamagaza, aramubwira, ati” Wa muntu mubi we, nagubeye wa mwenda wose aho wantakambira: none na we ntiwar’ukwiye kugirira imbabazi mugenzawe, nk’uko nanje nazikugiriye?” shebuja araraka, amuhereza abasoda, gushik’ah’azokwishurira ivy’amufitiye vyose. na Data wo mw’ijuru nikw’azobagirira, ni mutaharirana, umuntu wese ngw’aharire mugenzi we bivuye mu mutima (Mat. 18:23-35).

Menyak’umushumba wa mbere yahariwe kuko yabisavye shebuja. Menya kandi k’umushumba wa kabiri yatakamvye asaba imbabazi umushumba wa mbere. Umushumba wa mbere yanka guharira uyo wa kabiri, bishavuza shebuja. Ko bimeze gurtyo, n’iki catumwe Petero yiyumvirako Yesu abategetse guharira mwene Data yanse kwihana, kand’ata kintu nk’ico Yesu yigize avuga? Ntivyumvikana, ikirengeye vyose Yesu yavuzek’uwo muntu aharurwa nk’umunyamahanga, igihe amaze guhanurwa yanka.

Ntidushobora kuvugako Petero yabitumwe n’igihano yumvise duhabwa igihe twanse guharira bene Data biva ku mutima igihe badusavye imbabazi. Yesu yavuzekw’ivyaha vyacu bimaze guharirwa bizosubira kuduharurwako tugahabwa abasoda gushika aho turiha vyose. Mbega umukristo yanse guharira mwene Se akwiriye guhabwa ico gihano, kandi n’Imana idashobora kumuharira ubwayo? Igihe mwene Data ancumuyeko, aba acumuye ku Mana, n’Imana ntishobora kumuharira atihanye. Mbeg’Imana ishobora gute kumpana kuko ntahariye umuntu na yo nyene udashobora guharira?

Uko Bigenda (A Synopsis)

Ivyo Yesu avuga bijanye n’ingene twoharira bene bikoraniye mu majambo yiwe dusanga muri Luka 17:3-4:

Mwirinde; mugenzawe ni yakora icaha, umuhanure; ni yihana, umuharire. Kandi ni yakugirira nabi indwi ku musi umwe, agahindukira ibiherangabo ndwi, akubwira, ati Ndihanye; uz’ubimuharire (dushimikiye ku nsobanuro).

Wumva bishobora gusobanurwa kuruta ngaha? Yesu adutegeka guharira bene Data igihe bihanye. Igihe dusaba, “ng’uduharire imyenda yacu nk’uko natwe duhebera abaduheraniye,” dusaba Imana kutugirira nk’uko twagiriye abandi. Ntishobora kuduharira tutabisavye. N’iki cotuma idutegeka guharira abatabidusavye?

Ubugira kandi, menyakw’ibi vyose bitaduha uburenganzira bwo kugirira inzigo canke kuzinukwa bene Data baducumuyeko. Dutegekwa gukunda bagenzi bacu. Ni co gituma dutegekwa kwihereranya umugenzi yaducumuyeko, kugira ngo twiyuzuze, bituma yiyuzuza n’Imana kukw’aba yayicumuyeko na yo. Urwo ni rwo rukundo. Ariko kenshi, abakristo bivugishako bamaze guharira umuntu, ariko ubisuzumye cane usanga batinya kubihereranya. Vy’ukuri ntibaba batanze imbabazi, ivyo bakora ni vyo bivyerekana. Birinda gusubira guhura n’uwabacumuyeko ntibareke kumwidogera. Ntibiyujuje na gato.

Igihe ducumuye, Imana itwihereranya icishirije kuri Mpwemu Yera aba muri twebwe kukw’idukunda kand’igomba kuduharira. Dutegerezwa kuyigana, tumenyere kwihereranya abaducumuyeko kugira ngo habe ukwihana, imbabazi n’ukwiyuzuza.

Imana yama yifuzakw’abana bayo bakundana urukundo nya kuri, urukundo rwemera guhanurwa, ariko rutemera kwidodomberana. Har’ica gezwe dusanga mu mategeko ya Mose kivuga ngo:

Ntihaze hagire uwamanira akazika uw’i wabo mu mutima; ariko ntaz’abure kumuhanura, kugira ngo ntibimukwegere icaha kubw’uwo. Ntihaze hagire uwihora, cank’uwubikira inzigo abo mu bwoko bwabo; ariko mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda: ni jewe Uhoraho (Lew. 19:17-18, dushimikiye ku nsobanuro).

Impari (An Objection)

Har’ic’amajambo ya Yesu atubwira muri Mariko 11:25-26? Ntatwerekako dutegerezwa gutanga imbabazi igihe bazidusavye canke batazidusavye?

Kandi ni mwahagarara musenga, ni haba har’ico mupfa n’uwundi, mukimuharire, ngo So wo mw’ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu: [ariko ni mutaharira abandi, na So wo mw’ijuru ntazobaharira ivyaha vyanyu.]

Uyu murong’umwe ntiwoza urwanya iyi mirongo yose tumaze kubona kur’iyi nyigisho. Tumaze kumenyakw’ikibabaza Imana ar’ukwanka guharira umuntu adusavye imbabazi. Ni co gituma dutegerezwa gusobanura uyu murongo twisunze iyi. Yesu yashimikira kuvugako dutegerezwa guharira abandi namba dukeneye imbabazi z’Imana. Ntarikw’atubwira ubundi buhinga bwo guharira igihe natwe dukeneye guharirwa.

Menya kandi yuko Yesu atavuzeko dutegerezwa gusaba Imana imbabazi igihe tuzikeneye. Mbega ntiyavuzekw’imbabazi z’Imana tuzironka kuko twazisavye (raba Mat. 6:12; 1 Yohana 1:9)? Mbega twokwanka gusaba Imana imbabazi igihe ducumuye twitwazakw’atavyo Yesu yavuze ngaha? Kwob’ar’ukubura ubwenge kukw’ivyanditswe bifise ico bitubwira kur’ivo. Bingana no kwiyibagizakw’ivyanditswe bitubwira guharira abadusavye imbabazi.

Iyindi Mpari (Another Objection)

Ko Yesu yasengeye abasoda bagabanganye impuzu yiwe, ati” Data, baharire; kuko batazi ivyo bakora” (Luka 23:34)? Mbega ntibisigurakw’Imana iharira n’abatayisavye?

Ego, ariko ku rwego runaka. Bisigurakw’Imana igirira ubuntu abatungu, igice kimwe c’imbabazi. Kukw’Imana igororoka, iharura icaha ku muntu azikw’akoze icaha.

Isengesho rya Yesu ntiryahaye abo basoda kuja mw’ijuru—ntibaharuwekw’icaha co kugabangana impuzu y’Umwana w’Imana, kuko batari bazi uw’ari we. Bamuharura nk’umunyakibi aciriwekw’iteka. Imana yatanze ubwo buntu ntibaharurwe ico caha n’aho cari kubarimbura iyo bagikora bakizi neza.

Mbega bisigurako Yesu yasavye Imana guharira umuntu wese yari mu bamubabaje? Oya, si vyo. Nka Yuda, tumufatiyekw’akarorero, Yesu yavuzeko vyari kuba vyiza kuri we ntavuke (raba Mat. 26:24). Yesu ntiyasavye Imana guharira Yuda. Ni igihushane—tubonako Zaburi 69 na 109 ihishura amasengesho ya Yesu, nk’uko Petero nawe yabivuze (raba Ivyak. 1:15-20). Yesu yasavyeko Yuda acirwakw’iteka, kuko yakoze ivy’azi neza.

Nk’abihatira kwigana Kristo, dutegerezwa kugirira imbabazi abaducumuyeko mu kutamenya, nka ba basoda bagabangana impuzi ya Yesu mu kutamenya. Yesu adutegeka kugirira ubuntu budasanzwe abadakijijwe, dukunda abansi bacu, tugirira neza abatugiriye nabi, duhezagira abatuvuma no gusengera abatugirira nabi (raba Luka 6:27-28). Dutegerezwa kunesha urwanko rwabo n’urukundo tubakunda, dutsinda ikibi n’iciza. Iyi nyigisho yatanzwe no mu vyagezwe vya Mose:

Ni hagira uwuhura n’inka y’umwansi wiwe yazimiye, cank’indogoba yiwe, ntazabure kuyimugarurira. Kandi hagize uwubona indogoba y’uwumwanka ifyaritswe n’umutwaro, ntapfe kumurengana, akwiye kumufasha kuyiremurura (Kuv. 23:4-5)

Umwansi wawe ni yasonza umugaburire, ni yagira inyota umuhe amazi yo kunywa: kuk’uzoba umurunzekw’amakara yaka ku mutwe, kand’Uhoraho azoguhera (Imig. 25:21-22).

Biratangaje kubonako n’aho Yesu yadutegetse gukunda abansi bacu, kugirira neza abatugirira nabi, guhezagira abatuvuma, no gusengera abaduhama (raba Luka 6:27-28), ntiyatubwiye kugira uwo duharira muri bo—Kukw’Imana ikunda n’abo itaraharira. Ntidushobora kubakunda gusa, ariko dutegerezwa kubakunda, nk’ukw’Imana ibidutegeka. Kand’urukundo tubakunda rutegerezwa guserukira mu vyo dukora.

Kubona Yesu asaba Se guharira abasoda bagabanganye impuzu ziwe ntibisigurako duca twibagira ivyo tumaze kwiga bijanye no kubabarira abaducumuyeko bose. Bitwigisha gusa ko dutegerezwa guharira abaducumurako batabizi no kwereka abadakijijwe ubuntu budasanzwe.

Yosefu Nawe? (What About Joseph?)

Yosefu, yarahariye bene se bamugurishije, ni we akunda gukoreshwa mu gutanga akarorero ko guharira umuntu wese yaducumuyeko, tutarinze kurabako badusavye imbabazi. Mbega ico nico inkuru ya Yosefu itwigisha?

Oya, si ko bimeze.

Yosefu yaragerageje bene se mu buryo butandukanye bituma bihana. Mbere yarashize umwe muri bene se mw’ibohero amezi Atari make (raba Ita. 42:24). Igihe bene se bose batahura icaha cabo (raba Ita. 42:21; 44:16), umwe muri bo amaze kwitanga nk’incungu ya mwene wabo yakundwa na se cane (raba Ita. 44:33), Yosefu yaratahuye ko batacikunda kandi batiganzwa n’ishari nk’igihe bamugurisha. Aca arabibwira no aberaka kw’amace kubaharira. Iyo Yosefu “abaharira” buno nyene, ntibari kwihana. Iryo ni ryo kosha rikorwa kenshi n’abigishako “dutegerezwa guharira abantu bose” nk’uko tuvyumva mur’iyi misi. Guharira bene Data baducumuyeko tutabanje kubihereranya bituma haba ibintu bibiri: (1) Uguharira kutazana ukwiyuzuza, hamwe (2) n’abanyavyaha batihana bigatuma bakura mu mpwemu y’ingare.

Ivyo Dusanga muri Matayo 18:15-17 (The Practice of Matthew 18:15-17)

N’aho ingingo zine zo kwiyuzuza zashinzwe na Yesu zitahurika neza, ntizoroshe gushira mu ngiro. Igihe Yesu yatanga inzo ntambuko zine, yazitanze mu ciyumviro c’uko mwene Data A yumvako mwene Data B yamucumuyeko, atar’ivy’imbeshere. Mu bisanzwe, n’aho bimeze gurtyo, mwene Data A arashobora kwihenda. Reka turabe ingene bigenda.

Igihe mwene Data A amenyeko mwene Data B yamucumuyeko, ategerezwa gusuzuma yukw’atarikw’anegura uwundi, ashaka gutosora akabango mu jisho rya mwene Data B. har’ivyaha bitobito vyinshi dutegerezwa kwirengagiza no guharira buno nyene (raba Mat. 7:3-5). Igihe mwene Data afitiye urwanko mwene Data B kubw’icaha kigaragara, ategerezwa kumurondera bakabitunganya.

Bategerezwa kwiherera, bumvira itegeko rya Yesu, akereka urukundo afitiye mwene Data B. Ategerezwa gusunikwa n’urukundo rutumbereye kwiyuzuza. Nta muntu n’umwe ategerezwa kubwira iv’arimwo. “Urukundo rupfuka ivyaha vyinshi” (1 Pet. 4:8). Dukunda umuntu kanaka, ntidushobora kumwandagaza; ahubwo turamukingira..

Ukwo kuvugana kugirwe mu kwiyorosha, guserure urukundo. Ashobora kuvuga, ngo “Mwene Data B, ndubaha cane imigenderanire yacu. Ariko har’ikintu cabaye gikwegera umutima wanje kure yawe. Sinshaka kw’ico gisika kigumaho, ni co gituma numva nokubwira ico wancumuyeko kugira ngo twiyuzuze. Kandi har’ico nakoze nanje gisongera isibe, ntubure ku kimbwira.” Ugaca utangura kumubwira ico caha yagukoreye.

Incuro nyinshi, mwene Data B usanga atar’azi n’uko yatsitaye kuri mwene Data A, kand’amenyeko afise icaha, aca asaba ikigongwe. Bigenze uko, mwene Data A atagerezwa guca aharira mwene Data B. Niho baba biyujuje.

Birashobora gushika aho mwene Data A ashaka kwerekanako yabikoze kuko mwene Data A ari we yatanguye kumutsitaza. Bimeze gurtyo rero, mwene Data B yategerezwa kuba yarihereranye mwene Data A ngo bitunganye. Ariko ntibirengerana ko bubahutse kuvugana har’icizere co kwiyuzuza.

Mur’ico gihe, umwe wese arashobora kuvuga ivyamushikiye, akemera icaha ciwe, bagaharirana. Ukwiyuzuza kuba gukoretse.

Ica gatatu gishoboka ni igihe A na B badashoboye kwuyuzuza. Ni ho imfashanyo iba ikenewe, bigaca biturungika ku ntambuko ya kabiri.

Intambuko ya Kabiri (Step Two)

Vyoba vyiza ko mwene Data A na mwene Data B bihitiramwo umuhuza yobafasha mur’izo ngorane zabo. Abo bene Data C na D bategerezwa kuba basanzwe bazi neza mwene Data A na B, kandi umwe wese muri bo abe avyiyumvamwo. Ni ho bene Data C na D batangura kuvuga mu rukundo bubaha A na B.

Mwene Data B atanyuzwe, mwene Data A aca arondera bandi babiri canke batatu bashobore kubuzuriza.

Bene Data C na D babaye abanyabwenge, nta rubanza baca batarumviriza ibivugwa na A na B. C na D bamaze guca urubanza, A na B bategerezwa kwemera iyo ngingo no gusaba imbabazi no gutunganya nk’uko umwe wese ategetswe kubikora.

Bene Data C na D ntibakeneye kugira aho bahengamira bitume bategeka bose kwihana kand’ar’umuntu umwe gusa yategerezwa kwihana. Kandi mu bisanzwe usanga ar’umwe afise amakosha. Bategerezwa kumenya yukw’igihe A na B banse urubanza baciye, bitegerezwa guca bijanwa mw’ishengero kand’ingingo izofatwa n’ishengero ryose izotahurika cane k’uwuzoyumva wese. C canke D arashobora guhisha ukuri ngw’azigame ubucuti afitaniye n’umwe muri bo tubonakw’abacamanza babiri baruta umwe, kuko bashobora gushigikirana mu kuri. Vyongeye, ingingo yabo irashobora gushimisha A na B.

Intambuko ya Gatatu (Step Three)

A canke B ahakanye ivyashikirijwe na C na D, ico kibazo gitegerezwa guca gishikirizwa ishengero—kandi kubw’imvo nziza—ishengero rirashobora kwicamw’imice igihe umuntu wese agizea aho ahengamira. Ni co gituma Yesu yateguyekw’ishengero ritarenza igitigiri c’abantu batarenga abokwirwa mu nzu. Mur’iri shengero ringana n’abo mu muryango usanga umuntu wese azi kand’akunda A na B ni ryo risigurwa n’igitiri ca batatu Yesu yavuze. Mw’ishengero ry’abantu benshi, intambuko ya gatatu itegerezwa kugirwa mu murwi mutoya w’abantu bazi neza kandi bakunda A na B. iyo A na B bava mu rindi koraniro, abantu batandukanye bava mw’ikoraniro bavamwo ni bo bategerezwa guhuza abo bantu.

Igihe ishengero riciye urubanza, bene Data A na B bategerezwa kwemera ibishikirijwe, kuko bazi inkurikizi yo kutubaha. Imbabazi zitegerezwa gusabwa, ikigongwe kigatangwa maz’abantu bagasubira kunywana.

Igihe umwe hagati ya A na B yanse gusaba imbabazi canke kuzitanga, ategerezwa gushirwa hanze y’ishengero kandi ntihagire uwusubira kunywana nawe. Kenshi, mur’ico gihe, usanga uyo yanse gusaba ikigongwe aba amaze gufata ingingo yo kutifatanya n’iryo shengero, kand’ategerezwa kuba yarabigabiye kuva kera igihe yanse izo ntambuko zose. Vyerekanako ata rukundo yar’afitiye umuryango wiwe mu mpwemu.

Ingorane Tumenyereye Kubona (A Common Problem)

Mu mashengero manini-manini, usanga abantu bironderera umuti w’ingorane zabo mu kuva mw’ishengero rimwe baja mu rindi, aho abungere biyubakira ubwami bwabo, badafitaniye imigenderanire n’abandi, bakirana igishika abo bantu kukw’ivyiyumviro vyabo bimaze kwononekara. Iki ni co gituma intambuko zo kwiyuzuza Yesu yatanze zitagira inkomezi. Kandi mu bisanzwe, uyo muntu abo bungere bakiriye ntashobora kumara n’umwaka mur’iryo shengero atar’aja mu rindi, yitwazako bamutsitaje ukundi.

Yesu ashakakw’amashengero aba matato ngw’akwirwe mu miryango, nih’abo bungere/bakuru b’ishengero/bazezwashengero bashobora gukorana mu bumwe bakorera umubiri umwe. Nih’umunyashengero aciwe mw’ishengero kanaka azoba aciwe mu yandi mashengero yose. Ni igikorwa c’umwungere/umukuru w’ishengero/umuzezwashengero wese kubaza abakristo bashasha kw’ishengero baje bavamwo no kurondera akanya ko kuvugana n’abahoze barongora uwo mukristo mushasha kw’ashobora kwakirwa cank’oya.

Imana Ishaka Ishengero Ryera (God’s Intention for a Holy Church)

Ingorane dusanga mu mashengero manini-manini n’ukw’abantu benshi bazanwa n’ukurorera, ata n’umwe afise ico ajejwe mw’ishengero canke agire igikorwa Atari ukwicara gusa kuko baditaniye imigenderanire ishemeye n’abo mw’ishengero barimwo. Niho usanga ata muntu n’umwe, na mwungere arimwo, azi ingene ingeso zabo zimeze, kand’abo bantu bagendera mu vyaha bibandanya gutukisha ishengero. Abo hanze bagatangura gucira imanza abantu bazwi yukw’ar’abakristo bakabahwanya n’abadakijijwe.

Bigaragarira umuntu wese kw’imitegekere y’amashengero manini manini atariy’Imana yifuza mw’ishengero ryayo ryera. Abanduye n’indyarya zizi kwinyegeza mu mashengero bene n’ayo, ntibasiba gutukisha izina rya Kristo. Ariko dufatiye kuvyotwasomye muri Matayo 18:15-17, Yesu yifuzakw’ishengero ryiwe rigirwa n’abantu bejejwe bamaramaje kuba mu mubiri wiyeza ubwawo. Nih’isi izoraba ishengero ikaribonamw’ubwiza bw’umugeni atunganye. Ariko mur’iyi misi, baribona nka maraya, atagira ubwizigirwa. Uru rutonde rw’ishengero ryejejwe ni rwo Paulo yarafise mu ciyumviro igihe yandikira ishengero ry’i Korinto. Umuntu azwi nk’urugingo rw’ishengero yasambana na muka se:

Inkuru yamamaye hose yuko muri mwebwe harih’ubusambanyi: kand’ubwo busambanyi butoba no mu banyamahanga, umuntu gucikiza muka se ngw’amwabire. Namwe mukikakisha, ntimubabare, nk’uko mwari mukwiye, kugira ng’uwak/ze ico caha akurwe muri mwebwe. Kubwanje naho ntariho ku mubiri, ariko ndiho mu mpwemu, nahejeje gutsindisha uwakoze birtyo nk’aho ndiho, mw’izina ry’Umwami Yesu mwebwe n’impwemu yanje dukoranye dufise ubushobozi bw’Umwami wacu Yesu, guha Satani uwumeze artyo, kugira ng’umubiri wiwe uranduke, ubugingo bwiwe buze burokoke ku musi w’Umwami wacu….nabandikiye muri ca cete ko mutivanga n’abasambanyi, ariko si navuga abasambanyi bo muvy’isi, cank’abifuza, cank’abanyazi, cank’abasenga ibigirwamana, cank’uwutukana, cank’uwuborerwa, cank’umunyazi: uwumeze artyo no gusangira ntimugasangire na we. Mpuriye hehe no gucira urubanza abo hanze? Mbega si mwebwe mucira urubanza abo muri mwebwe? Arikw’abo hanze Imana ni yo izobacira urubanza. Ni mukure umunyakibi muri mwebwe (1 Kor. 5:1-5, 9-13).

Ntivyari bikenewe ko uyu mugabo acishwa muri za ntambuko zo kwiyuzuza kuko bigaragarakw’atizera na gato. Paulo yamwise “uwiyita mwene Data” n’”umunyakibi.” Vyongeye, Paulo yarasubiye kwandika, ati,

Ntimuzi yukw’abagabitanya batazoragwa ubwami bw’Imana? Ntimuzimire: abashakanyi, cank’abasenga ibigirwamana, cank’abasambanyi, cank’abagabo bendwa, cank’abagabo bendana, cank’ibisuma, cank’abifuza, cank’imborerwa, cank’abatukana, cank’abanyazi ntibazoragwa ubwami bw’Imana. (1 Kor. 6:9-10).

Vy’ukuri Paulo yizeyekw’abahumanye, nk’uyo mugabo yari mw’ishengero i Korinto, batukisha ivyo bizera. Abo bantu ntibakwiriye kwitwa bene Data canke kubacisha muri za ntambuko zo kwiyuzuza. Bategerezwa kushirwa hanze y’ishengero, “bagahabwa Satani,” kugira ngw’ishengero ntirikurire mu kuzazanirwa, kandi ribone akamaro ko kwihana kuzana “gukira ku musi w’Umwami Yesu” (1 Kor. 5:5).

Mu mashengero manini manini kw’isi, usangamw’amajana y’abiyita abakristo, Bibiliya itubwirako badakijijwe kandi bakwiriye gushirwa hanze y’ishengero. Ivyanditswe bitwerekakw’ar’igikorwa c’ishengero gukura abanyakibi muri ryo ari bo bashakanyi, abasambanyi, abagabo bendwa, imborerwa n’ibindi nk’ivyo. Arikw’abo bantu, mu kubeshera “ubuntu bw’Imana,” bashirwa mu mirwi yo gushigikira ishengero ah’usanga baremeshwa n’”abizera” bafise ibibazo nk’ivyo nyene. Iki ni gitutsi k’ububasha buhindura dusanga mu butumwa bwa Yesu Kristo.

Abarongozi Baguye (Fallen Leaders)

Mu kurangiza, mbega umurongozi yihanye aremerwa gusubira mu kibanza ciwe c’uburongozi igihe yaguye mu caha kidasanzwe (nk’ubusambanyi)? Naho Umwami aharira buno nyene uyo murongozi igihe asubiye ku murongo (n’ishengero ritegerezwa kugira nk’uko nyene), uwo murongozi aba amaze gutakaza ubwizigirwa ku bo yarongora. Ubwizigirwa umuntu ategerezwa kubukorera. Nuko, umurongozi yaguye ategerezwa kwishira ku ruhande wenyene akaja musi y’uburongozi bw’uwundi mukozi w’Imana kugezah’azo kwerekana ubwizigirwa bwiwe imbere yo gusubira mu kibanza c’uburongozi. Atagerezwa gutangura bushasha. Abasadashaka guca bugufi basubire gukora ibikorwa bito bito bahabwa gushika aho bazosubira kwizigirwa ntibakwiriye guhabwa icubahiro nk’abarongozi mw’ishengero.

Mu Ncamake (In Summary)

Nk’umukozi agira abigishwa yahamagariwe “guhubura, guhana, guhanura, mu bwenge no kwirinda” (2 Tim. 4:2), ntiduhunge ihamagarwa ryacu. Ni twigishe abigishwa bacu gukundana no kwihanganirana mu buntu, kuvugana n’umutima uciye bugufi igihe cose bikenewe, no guharira igihe cose tubisabwe. Ni vyiza cane kandi bisumba kwa guharira kw’ibinyoma kutubaka imigenderanire yasambutse. Duharanire kwubaha Umwami mu nzira zose zirongorera ishengero ryiwe mu kwezwa no gutungana, n’izina ni rishimwe!

Ushaka kumenya vyinshi k’ukwihererana no gutozwa indero n’ishengero, rana Rom. 16:17-18; 2Kor. 13:1-3; Gal. 2:11-14; 2Tes. 3:6, 14-15; 1 Tim. 1:19-20, 5:19-20; Tit. 3:10-11; Yak. 5:19-20; 2Yohana 10-11.

 


[1]

Bituma twiyumvira yuk’uwirukanywe ashitse yihanye, Yesu atubwirakw’imbabazi zishobora gutangwa.

[2]

Igihe umukristo ari we musambanyi mu nzu, dutegerezwa gukoresha za ntambuko zitatu Yesu yavuga imbere yo kwahukana. Iyo uyo mukristo yihanye, dutegerezwa kumugirira imbabazi nk’uko Yesu ategeka

Kurongorwa na Mpwemu (How to be Led by the Spirit)

Igice ca Mirongwibiri na Kabiri (Chapter Twenty-Two)

Injili yanditswe na Yohana yerekana amajambo atari make Yesu yavuze yerekana igikorwa ca Mpwemu Yera mu bugingo bw’uwizera wese. Reka dusome bimwe muri vyo:

Nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw’aze abane na mwe ibihe bidashira, ni we Mpwemu w’ukuri, uwo ab’isi badashobora kwakira, kuko batamubona, kandi batamuzi, mweho muramuzi, kukw’abana namwe kand’azoba muri mwebwe (Yohana 14:16-17).

Arik’Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw’izina ryanje, ni we azobigisha vyose, kand’azobibutsa ivyo nababariye vyose (Yohana 14:26).

Ariko jewe ndababwira ukuri: ikizogira ico kibamarira, n’uko jewe ngenda; kuko ni ntagenda, Umwitsa ntazoza kuri mwebwe; ariko ninagenda nzomubarungikira, nari ngifise vyinshi vyo kubabwira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu. Arik’uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobarongora abashitse ku kuri kwose, kukw’atazovuga ivyo yigeneye, arikw’ivy’azokwumva vyose ni vy’azovuga, kand’azobamenyesha ibigira bize. Uwo azoshimagiza jewe, kukw’azokwabira ku vyanje, ni co gitumye mvuga, nti Yabira ku vyanje, akabibamenyesha (Yohana 16:7, 12-15).

Yesu yasezeranye abigishwa biwe ko Mpwemu Yera azoba muri bo. Kand’azobafasha, azobigisha, azobarongora no kubamenyesha ibintu bizoba. Nk’abigishwa ba Kristo mur’iki gihe, nta cotuma twiyumvirako Mpwemu Yera atazobigira.

Biratangaje kwumva Yesu abwira abigishwa biwe kw’agomba kugenda ku neza yabo kukw’atagiye Mpwemu Yera ntashobora kuza! Bisigurakw’imigenderanire yabo na Mpwemu Yera izomera nk’imigenderanire bari bafitaniye na Yesu akiri kw’isi. N’ay’ahandi Mpwemu Yera nta kamaro yari kuba abamariye. Yesu yagumye kandi aba muri twebwe, kuko Mpwemu Yera ari muri twebwe.

None Mpwemu Yera yoturongora gute?

Izina ryiwe, Mpwemu Yera, ryerekana yukw’aturongorera mu kwera no kwumvira Imana. Ibintu vyose bijanye n’ukwera hamwe no gushitsa ubugombe bw’Imana kw’isi biri mu kurongorwa na Mpwemu Yera. Azoturongora mu kwumvira amategeko yose ya Kristo muri rusangi no mu buryo bw’umwihariko nk’ukw’Imana yaduhamagaye. Rero ushaka kurongorwa na Mpwemu Yera mu gushitsa igikorwa wahamagariwe, utegerezwa kwemera kurongorwa na we mu kwera. Ica mbere ntigishobora kitari kumwe n’ica kabiri. Abakozi b’Imana benshi bafizu kurongorwa na Mpwemu Yera ngo bakore ibihambaye n’ibitangaza, ariko ntibashaka kwitaho “na gato” kuvyerekeye ukwera. Iryo ni kosha rinini cane. Mbega Yesu yarongora gute abigishwa biwe? Yabanje kubigisha ivyo kwera. Ni gake cane yababwira ivy’ibikorwa bahamagariwe ugereranije ivyo bintu bibiri. Ni ko bimeze no kuri Mpwemu Yera aba muri twebwe. Ushaka kurongorwa na Mpwemu Yera, utegerezwa kumukurikira mu vyo kwera vyose akurongoreramwo.

Intumwa Paulo yanditse, ngo “abarongorwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana” (Rom. 8:14). Igihe turongorwa na Mpwemu ni ho tuba mu gitigiri c’abana b’Imana. Rero abana b’Imana bose barongorwa na Mpwemu. Hamwe n’ivyo, nk’ibiremwa vyindengemvya, turashobora guhitamwo kwumvira uburongozi bwiwe.

Ko bimeze gurtyo, nta mukristo n’umwe akeneye kwigishwa uko yorongorwa na Mpwemu Yera, kuko Mpwemu Yera amaze gutangura kumurongora. Mu rundi ruhande na ho, Satani aharanira kuyovya abana b’Imana, kandi turacafise kamere k’umubiri kama karwanya uburongozi n’ubugombe bw’Imana muri twebwe. Abizera bategerezwa kumenya gutandukanya uburongozi bwa Mpwemu n’ubwo burongozi bwose twavuze. Ni yo nzira yo gukura mu mpwemu. Arikw’ikintu ngenderwako ni: Mpwemu Yera yama aturongorera mw’ijambo ry’Imana, kand’aturongora gukora ivyiza no guhimbaza Imana, bigatuma tuyizanira ubwiza n’icubahiro (raba Yohana 16:14).

Ijwi rya Mpwemu Yera (The Voice of the Holy Spirit)

N’ah’ivyanditswe bivugako Mpwemu Yera ashobora kuturongorera mu bikorwa bitangaje, nko guhishurirwa, kuvugishwa n’Imana, canke kwumva ijwi ry’Imana, inzira isanzwe Mpwemu Yera akunda kuturongoreramwo ni “kuvugira” mu mpwemu zacu. Bisigurakw’igihe Mpwemu Yera agomba gukora ikintu, “adusunika”—mu mpwemu zacu—tugaca twumva “turongorewe” ahantu kanaka.

Dushobora kwita iryo jwi “ijwi ryo mu mutima.” Abakristo bose barazi ingene iryo jwi rikora. Igihe tugeragezwe ngo ducumure, nti twumva urujwi muri twebwe ruvuga ngo “ntiwemerere ico kigeragezo.” Ahubwo twumva ishaka rwo kurwanya ico kigeragezo muri twebwe. Kand’igihe tuneshejwe n’ikigeragezo, tugakora icaha, ntitwumba urujwi rutubwira ngo “wacumuye! Wacumuye!” Ahubwo twumva ishaka muri twebwe ritorongora kwihana no kwatura ico caha.

Ni ko na Mpwemu Yera azotwigisha ukuri no kudutahuza ivyo tudatahura. Azotwigisha mu kutuzanira uguhishurirwa runaka (kutarwanya inyigisho za Bibiliya. Gusobanurira umuntu ukwo guhishurirwa vyofata nk’iminota cumi, ariko Mpwemu ashobora kubituzanira mu kanya isase tugatahura ivy’ari vyo.

Ni ko Mpwemu Year azoturongora no mu gikorwa c’Imana. Dusabwa kwumviriza no kwemera ubwo burongozi bw’imbere muri twebwe, kandi tuzomenya (biciye mu ntambara no kwihenda) gukurikira Mpwemu mu bikorwa vyacu. Igihe twemereye imitwe yacu (ivyiyumviro bitazi Imana) gufata ikibanza c’imitima yacu (aho twumva Mpwemu aturongora) ni ho twehenda no gukosha kandi twiyumvira ko turi mu bugombe bw’Imana.

Mpwemu Yarongoye Yesu Gute (How the Spirit Led Jesus)

Yesu yarongorwa na Mpwemu Yera mw’ijwi ryo mu mutima. Akarorero, injili yanditswe na Mariko yerekana ivyabaye Yesu ahejeje kubatizwa muri Mpwemu Yera inyuma yo kubatizwa na Yohana:

Mpwemu aca amushorera mu bugaragwa” (Mariko 1:12, dushimikiye ku nsobanuro).

Yesu ntiyumvise ijwi cank’ahishurirwe kuja mu bugaragwa—yashorewe yo. Ni ko Mpwemu aturongora kenshi. Dushobora gusunikwa, kurongorwa, kwemezwa ngo dukore ikintu kanaka.

Igihe Yesu yabwira ca kimuga bacishije kw’idari ry’inzu kw’ivyaha bihariwe, Yesu yaramenyekw’abanyabwenge b’ivyanditswe baringaho bavugakw’atutse Imana. Yari kumenya gute ivyo biyumvira? Dusome mu njili yanditswe na Mariko:

Yesu amenye mu mutima wiwe yuko biburanya muri bo bartyo, aca arababaza, “ati n’iki gitumye mwiburanya ivyo mu mitima yanyu?” (Mariko 2:8, dushimikiye ku nsobanuro).

Yesu yamenye mu mutima wiwe ivyo biyumvira. Twumvirije neza impwemu zacu, natwe turashobora kumenya ingene twishura abarwanya igikorwa c’Imana.

Ingene Mpwemu Yarongora Igikorwa ca Paulo

(The Spirit’s Leading in the Ministry of Paul)

Amaze imyaka mirongibiri akorera Imana, intumwa Paulo yize neza kwumvira uburongozi bwa Mpwemu Yera. Ku rugero runaka, Mpwemu yaramweretse “ibizoba muri kazoza” mu gikorwa ciwe. Akarorero, igihe Paulo yarikw’arangiza igikorwa ciwe muri Efeso, yar’afise iciyumviro c’ingene ubugingo n’igikorwa ciwe bugiye kumere mu myaka itatu yakurikira:

Ivyo bishize Paulo agamira mu mutima wiwe guca i Makedoniya no muri Akaya aja i Yerusalemu, ati “Ninamara gushikayo, nkw’iye kuja kuraba n’i Roma na ho” (Ivyak. 19:21).

Menya ko Paulo atagamiye uru rugendo mu bwenge bwiwe ariko mu mpwemu yiwe. Bisigurako Mpwemu Yera yarikw’amurongora mu mutima wiwe guca i Makedoniya n’i Akaya (hose ni muri Grece), ace i Yerusalemu, ace ashika i Roma. Kand’iyo ni yo nzira yajanye. Namba ufise muri Bibiliya yawe urugengo rwa gatatu rwa Paulo aja kuvuga ubutumwa n’urugendo rwiwe rw’i Roma, urashobora kubonako yahereye muri Efeso (aho yagabira mu mutima wiwe gufata izo ngendo) ugashika i Makedoniya n’i Akaya, n’i Yerusalemu, n’i Roma haheze imyaka itari mike.

Biboneka neza cane ko Paulo yagiye i Makedoniya n’i Akaya, aca asubira guca i Makedoniya ubugira kandi, akikuza ikiyaga kinini co muri Asiya ntoya. Mur’urwo rugendo ni ho yaca i Mileto, ahamagaza abakuru b’ishengero bari hafi ya Efeso, arabasezera avuga ati:

None raba, ngiye i Yerusalemu mboshwe mu mutima, ntazi ibizombako nshitseyo atar’uko Mpwemu Yera anshingira intahe mu gisagara cose yukw’ingoyi n’ivyago bintegeyeyo (Ivyak. 20:22-23, dushimikiye ku nsobanuro).

Paulo avugako yar’ “aboshwe mu mutima,” bisigurako yarafise icemezo co kuja i Yerusalemu mu mutima wiwe. Ntiyar’azi neza ibintu vyose bizomushikako i Yerusalemu, ariko yavuzeko mu gisagara cose yajamwo, Mpwemu Yera yamushingira intahe amubwira imibabaro imurindiriye ho. Mpwemu Yera yamushingira “gute”intahe y’imibabaro imirindiriye i Yerusalemu?

Uturorero Tubiri (Two Examples)

Mu gice ca 21 c’ivyakozwe n’intumwa, tubona ibintu bibiri vyishura ico kibazo. Akarorero ka mbere ni igihe Paulo yaja ku kivuko ca Mediterane ahitwa Tiro:

Tuhasanze abigishwa, dusubiray’imisi ndwi: na bo bavugishijwe na Mpwemu babarira Paulo ngo yoye kuja i Yerusalemu (Ivyak. 21:4).

Kubera uyu murongo umwe har’abavugako Paulo atumviye Imana yibandaniriza i Yerusalemu. Turavye ivyo tubwirwa mu gitabo cose c’ivyakozwe n’intumw, ntidushobora kwemeranya na bo. Biraza kwumvikana neza twumvise inkuru yose.

Bibonekakw’abigishwa b’i Tiro babonye ivyago birindiriye Paulo i Yerusalemu. Bituma bagerageza kumubuza kuja yo. Indondoro y’Isezerano Risha yitwa William’s translation irabigaragaza, kukw’isobanura uyo murongo nyene ugukurikira: “Kubera ivyo beretswe na Mpwemu bashishikara komuhanura ntahonyoze ikirenge i Yerusalemu.”

Abo bigishwa b’ i Tiro ntabashoboye kumubuza kugenda, Paulo yabandanije urugendo rwiwe gushika i Yerusalemu ntiyumvira izo mpamuro.

Bisigurako tudakwiriye gusobanura uko twishakiye uguhishurirwa turonse mu mitima yacu. Paulo yar’azi neza kw’ingorane zimurindiriye i Yerusalemu, ariko yar’azi kandi kw’ari ubugombe bw’Imana kw’ashika i Yerusalemu n’aho bimeze gurtyo. Imana iduhishuriye ikintu kiva kuri Mpwemu Yera, ntibisigurako duca tugenda kukivuga, kandi dutegerezwa kwirinda gusobanura uko twishakiye ivyo Mpwemu yaduhishuriye.

Guca i Kayisariya (Caesarea Stop Over)

Ahandi hantu Paulo yaciye mu rugendo rumujana i Yerusalemu ni ku kivuko c’i Kayisariya:

Tugitevyey’imisi myinshi, haza uwuvugishwa n’Imana yitwa Agabo, yar’amanutse avuy’i Yudaya. Aza aho turi, yabira umukanda wa Paulo, awibohesha amaguru n’amaboko, aravuga “at’uku ni ko Mpwemu Yera agize: ‘Nyen’uyu mukanda, uku nikw’Abayuda bazomubohera i Yerusalemu, bazomushira mu maboko y’abanyamahanga’” (Ivyak. 21:10-11).

Turabona akandi karorero aho Mpwemu Yera avuga ku “mibabaro yar’irindiriye” Paulo i Yerusalemu. Ariko menyako Agabo atavuze ngo, “Nik’Uhoraho agize”. Imana yarongoye Paulo kuja i Yerusalemu kandi yarikw’iramutegura icishirije muri Agabo imubwira imibabaro imurindiriye yo. Uramenya kandi k’ubuhanuzi bwa Agabo bwaje kwemeza ivyo Paulo yar’amaze kubwirwa mu mutima wiwe. Ntidukwiriye kurongorwa n’ibivugishijwe n’Imana. Igihe ibivugishijwe bidahuriza hamwe n’ivyo dusanzwe twaramaze kubwirwa, ntitukavyumvire.

Ivyavugishijwe na Agabo ni “kurongorwa n’Imana mu buryo budasanzwe,” kuko bitavuye mu mutima w’uwubwirwa. Igihe Imana itanze “ukurongorwa kudasanzwe,” nk’uguhishurirwa cank’ijwi ryumvikana, iba izi ko har’intambamyi mu nzira. Turakeneye ukumaramaza kuzanwa n’ukwo kurongorwa bidasanzwe. Kuri Paulo, yar’agiye gukubitwa no gutabwa mw’i bohero imbere yo kuja i Roma nk’imbohe. Kuber’uku kurongorwa kudasanzwe yaronse, yagumye arema no mu bigoye, azi kw’iherezo ari ryiza.

Igihe utaronse uku kurongorwa n’Imana kudasanzwe ntugire ubwoba kukw’igihe ugukeneye koko, Imana izokuguha. Ahubwo twokwiratira kuguma twumviriza uburongozi bwo mu mutima duhabwa.

Gufungwa kand’uri mu Bugombe bw’Imana (In Chains and in God’s Will)

Igihe Paulo yashika i Yerusalemu, yarafashwe atabwa muri yompi. N’aho kandi yongera kuyoborwa n’Imana mu buryo budasanzwe mu guhishurirwa Yesu:

Ijoro ry’uwo musi, Umwami Yesu amuhagarara [Paulo] hejuru, “ati Humura; nk’uko washingiye intahe i Yerusalemu, nik’ukwiye kuzonshingira intahe i Roma” (Ivyak. 23:11).

Menya ko Yesu atavuze, “ati Mbega ukora iki ngaha ga Paulo? Sinarinagukebuye ngo ntuje i Yerusalemu!” Oya, Yesu yemeje ukurongorwa kwo mu mutima kwazanye Paulo ngaho. Paulo yari mu mugambi w’Imana kuja gushingira intahe Yesu i Yerusalemu. Kandi yategerezwa kuvuka Kristo i Roma.

Dutegerezwa kwibuka ko Paulo yahamagariwe kubwira ubutumwa bwiza abayuda n’abanyamahanga ariko kandi n’abami (Ivyak. 9:15). Mu kubohwa kwa Paulo i Yerusalemu n’i Kayisariya, yaronse akaryo ko kubwiriza Feliki, Fesito, n’umwami Agiripa “bakwegwa” (Ivyak. 26:28) ngo bizere Yesu. Ni ho Paulo yarungikwa gushingira intahe Umwami yitwa Nero.

Agenda Kubonana na Nero (On the Way to See Nero)

Bakiri mu bwato bubajana muri Italiya, Paulo yongera kurongorwa n’Imana mu mutima wiwe. Igihe umugabisha w’abasoga n’uwutumbereza ubwato bari baciyumvirako boherera ku kivuko c’i Kirete, Paulo arahishurirwa:

Hashize igihe kirere, kandi kujabuka kubaye irinde, kukw’igihe co kwisonzesha cari gishize, Paulo arabahanura, arababarira, “ati yemwe bagabo, mbonye yuk’uru rugendo rugira rubemw’ivyago n’ubuhombe bwinshi, s’ivy’ubwato ni ibirimwo gusa, ariko n’ivy’amagara yacu na yo” (Ivyak. 27:9-10, dushimikiye ku nsobanuro).

Paulo yeretswe ibigiye gukoreka. Ivyo yabihawe na Mpwemu.

Ibakwe ribi, umugabisha w’abasoda yanka kwumvira Paulo bagerageza kujabukira ku yindi nkombe. Ubwato buca buzibirwa n’igihuhusi kinini indwi zibiri zose. Vyari biteye ubwoba cane gushika aho ku musi ugira kabiri abari mu bwato baterera mu kiyaga imizigo yari muri bwo yose, maze ku musi ugira gatatu batesha amaboko yabo ibikoreshwa mu bwato. Niho Paulo yahabwa ubundi burongozi:

Kand’izuba n’inyenyeri bimaze imisi myinshi bitaboneka, turi mu gihuhuta cinshi girtyo, twuhebura rwose kw’ata wuzokira. Bamaze igihe kirekire batakarya, Paulo ahagarara hagati muri bo, arababarira, “ati Yemwe bagabo mw’ari mukwiye kunyumvira, nti muve i Kirete, ngo mugire ibi vyago n’ubuhombe. Kandi none ndabaremesha, ni muhumure, kuko muri mwebwe hatazopfa n’umwe, atar’ubwato. Kuko mur’iri joro, umumarayika w’Imana, nd’uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje, arambwira, ‘ati Nta co utinya, Paulo; ukwiye guhagarara imbere ya Kayisari, kand’ehe Imana ikwemereye n’abo mugendanye bose. nuko ni muhumure, yemwe bagabo, kuko nizeye Imana, yuko bizoba nk’uko nabariwe. Ariko har’ikizinga dukwiye gusukwako” (Ivyak. 27:20-26).

Ndibazakw’icatumye Imana iha Paulo ukwo “kurongorwa kudasanzwe” kiragaragara kubera ivyo vyago barimwo. Ikirenze ico kigeragezo, ubwato Paulo yarimwo bwari bugiye gusambuka. Ivyo biheze yaciye akomorwa n’inzoka (raba Ivyak. 27:41-28:5). Birashimisha cane kugira umumarayika akumenyeshako vyose bigiye kugenda NEZA!

Impanuro Zishobora Kugufasha (Some Practical Advice)

Tangura kwumviriza uko Mpwemu Yera akurongora mu mutima acishije mu ciyumviro canke mu kubona. Urashobora kwihenda k’urongowe na Mpwemu Yera kand’atari we, arikw’ivyo n’ibisanzwe. Ntucike intege; Shishikara.

Kugira akanya k’agacerere imbere y’Imana birafasha cane, gusenga mu zindi ndimi no gusoma Bibiliya. Igihe dusenga mu zindi ndimi impwemu yacu ni yo isenga, ni ho dushobora kwumva ikivugirwa mu mitima yacu. uko dusoma no kwiga ijambo ry’Imana, ni ko turushirizaho kwumviriza imitima yacu kukw’ijambo ry’Imana ari ryo dufungura. Igihe Imana ikurongoye mu buryo bunaka, uburongozi bwayo ntibuba bugabanutse. Ni co gituma igihe ufata ingingo mu buzima bwawe ubanza gusenga ng’umenye kw’ar’ Imana ikurongora vy’ukuri ntibibe ar’ibigumbagumba vyawe. Igihe uburongozi bunaka nturonke amahoro mu mutima wawe, ntufate iyo nzira gushika aho wumva amahoro.

Urongowe n’Imana mu buryo budasanzwe, ni vyiza, ariko nturondere “ukwizera” gutuma uhishurirwa canke wumva ijwi. Imana ntiyasezeranye kuturongora mur’ubwo buryo (nah’ishobora kubikora nk’ukw’ivyishakiye). Ariko tudegerezwa kwizerakw’iturongora mu gushingira intahe imitima yacu.

Mu kurangiza, ntiwongere ku c’Imana ikubwiye. Imana irashobora kukwereka igikorwa yaguteguriye muri kazoza, ukiyumvirakw’igiye kubishitsa mu ndwi nkeya na y’iharura ku bizoshika mu myaka iri imbere. Narabiciyemwo. Ntiwihende na gato. Paulo yaramenye ikimurindiriye muri kazoza ariko ntiyamenye vyose kukw’Imana itabimuhishuriye. Imana igomba ko tubandanya kugendera mu kwizera.

To subscribe to David Servant's periodic e-teachings, click here.


Kirundi » Kurongorwa na Mpwemu (How to be Led by the Spirit)

Amasakaramentu (The Sacraments)

Igice ca Mirongwibiri na Gatatu (Chapter Twenty-Three)

Yesu yahaye ishengero amasakaramentu abiri gusa: Umubatizo w’Amazi (raba Mat. 28:19) n’Ingaburo y’Umwami (raba 1 Kor. 11:23-26). Reka duhere k’mubatizo w’amazi.

Mw’Isezerano Rishasha, uwizera wese ategerezwa kuronka imibatizo itatu. Nayo ni: umubatizo wo mu mubiri wa Kristo, umubatizo w’amazi, n’umubatizo wa Mpwemu Yera.

Igihe umuntu avutse ubwa kabiri, aba abatijwe mu mubiri wa Kristo. Bisigura kw’aba abaye urugingo rw’umubiri wa Kristo, na wo ni ishengero:

Kuko muri Mpwemu umwe, twese ari ho twabatirijwe ngo tube umubiri umwe (1 Kor. 12:13; raba na Rom. 6:3; Efe. 1:22-23; Kol. 1:18, 24).

Kubatizwa muri Mpwemu Yera biba umuntu amaze gukizwa, kand’uwizera wese ategerezwa kuronka uyo mubatizo.

Ikindi, uwizera ategerezwa kubatizwa mu mazi igihe yihanye no kwizera Umwami Yesu. Kubatizwa ni co kimenyetso ca mbere co kwumvira kw’umukristo mushasha:

[Yesu] Arababarira, “ati Mugende muje mu bihugu vyose, mubwire abaremwe bose ubutumwa bwiza. Uwizera akabatizwa azokizwa, arik’uwurizera azotsindwa n’urubanza” (Mariko 16:15-16, dushimikiye ku nsobanuro).

Ishengero rya mbere ryarubahirije cane itegeko rya Yesu ryo kubatiza. Ata n’umwe avuye mwo, abizera bashasha babatijwe buno nyene bahejeje kwihana ( raba Ivyak. 2:37-41; 8:12-16, 36-39; 9:17-19; 10:44-48; 16:31-33; 18:5-8; 19:1-5).

Ivyiyumviro Bitemewe na Bibiliya ku Vyerekeye Umubatizo

(Some Unscriptural Ideas About Baptism)

Har’abamijagira utuzi ku bizera bashasha bakavyita umubatizo. Mbeg’ivyo ni vyo? Irivuga ryasobanuwemwo kubatiza mw’Isezerano Rishasha ni ijambo ry’i Kigiriki batizo,risobanuro “kwibiza.” Ababatijwe mu mazi rero bategerezwa kwibizwa mu mazi atari kumijagirwako amama makeya y’amazi. Ikimenyetso c’umubatizo rukristo, ari no co tugomba kwigako gatoya, ntikirwanya iciyumviro co kumijagirwakw’amazi.

Har’abandi babatiza abana, ariko nta canditswe na kimwe gishigikira uyo mubatizo muri Bibiliya. Ivyo biva ku nyigisho y’ibinyoma yitwa “umubatizo uzana agakiza”—bisugirak’umuntu avuka ubwa kabiri igihe abatijwe. Ivyanditswe vyerekana neza k’umuntu abanza kwizera Yesu hanyuma akabatizwa. Rero, abana bakuze bashobora kwihana vy’ukuri no gukurikira Yesu barashobora kubatizwa, atar’inzoya n’abana bato.

Abandi bigishako nah’umuntu yizera Yesu, ntashobora gukizwa atara batizwa. Ivyanditswe si ko bivuga. Ivyak. 10:44-48 na 11:17, tubona kw’abo mu nzu ya Korneliyo bakijijwe no kubatizwa muri Mpwemu Yera imbere yo kubatizwa mu mazi. Tuzi yukw’ata muntu ashobora kubatizwa muri Mpwemu Yera atarakizwa (raba Yohana 14:17).

Abandi bigishakw’umuntu adashobora gukizwa atabatijwe nk’uko bo babatiza. Ivyanditswe nta bwoko runaka bw’urubatizo abizera bategerezwa gukurikiza. Akarorero, har’abavugak’umuntu yabatijwe “mw’izina rya Data, ni rya Mwana, ni rya Mpwemu Yera “ adashobora gukizwa (Mat. 28:19) shiti abatijwe “mw’izina rya Yesu” (Ivyak. 8:16). Abo bantu barangwa n’umutima wari mu Bafarisayo, bamimina agatuku bakayongobeza ingamiye. Birababaje kubona abakristo birigwa baharira ku vy’umubatizo igihe isi na yo irindiriye kwumva ubutumwa bayibwira.

Ikimenyetso c’Umubatizo kiri mu Vyanditswe(The Scriptural Symbolism of Baptism)

Umubatizo w’amazi usigura ibintu vyinshi bimaze gukoreka mu buzima bw’umukristo mushasha. Mu bisanzwe, vyerekanakw’ivyaha vyacu vyogejwe kandi tur’abera ku Mana. Igihe Ananiya yarungikwa kuri Sauli (Paulo) amaze gukizwa, yamubwiye ati:

Non’ikigutevya ni iki? Va hasi, ubatizwe, wiyuhagire ivyaha vyawe, wambaze izina ryiwe (Ivyak. 22:16, dushimikiye ku nsobanuro).

Ica kabiri, umubatizo w’amazi n’ikimenyetso co kwishushanya na Kristo mu rupfu, guhambwa no kuzuka kwiwe. Igihe tuvutse ubwa kabiri tukinjizwa mu mubiri wa Kristo, Imana itubonera “muri Kristo” guhera ako kanya nyene. Kuko Yesu yatubereye incungu, Imana yaduhaye ivyo Kristo yakoreye vyose. Ni co gituma “muri Kristo,” twapfuye, turahambwa, maze tuzurwa mu bapfuye ngo tube ibiremwa bishasha:

Canke ntimuzi yuko twese ababatirijwe kuba muri Kristo Yesu, twabatirijwe kuba mu rupfu rwiwe? None rero kubatizwa kwatumye duhambanwa na we tuba mu rupfu rwiwe, kugira ngo, nk’uko Kristo yazuwe mu bapfuye n’ubwiza bwa Data wa twese, abe ari ko natwe tugenda ubugingo bushasha (Rom. 6:3-4).

Kuko mwahambanywe na we mw’ibatizwa, ni ho kandi mwazutanywe na we, kubwo kwizera ubushobozi bw’Imana yamuzuye mu bapfuye (Kol. 2:12).

Uwizera mushasha wese ategerezwa kwigishwa uku kuri igihe abatijwe mu mazi, kand’ategerezwa kubatizwa buno nyene ahajeje kwizera Yesu.

Ingaburo y’Umwami (The Lord’s Supper)

Ingaburo y’Umwami yakomotse ku musi mukuru wa Pasika y’Isezerano rya Kera. Mw’ijoro Imana yakura Abisirayeli mu buja muri Egiputa, yategetse urugo rwose kubaga umwagazi atarenza umwaka umwe no kumijagira amarosi yawo ku bishimaryango vyabo. Igihe “umumarayika atikiza” yaca mur’ico gihugu mw’ijoro, yica imfura zose za Egiputa, abonye amaraso ku bishimaryango vy’inzu z’Abisirayeli yaca “arengana.”

Ikirengeye vyose, Abisirayeli bategerezwa guhimbaza uwo musi mukuru mu kurya umwagazi wa Pasika no kurya imikate itambiye imisi ndwi bikurikiranya. Iki car’icagezwe kibandanya mu Bisirayeli, buri mwaka (raba Kuv. 12:1-28). Bigaragarak’uwo mwagazi agereranywa na Kristo, kuko nawe yiswe “Pasiko yacu” mu b’i Korinto ba 1 igice 5:7.

Igihe Yesu yatanguza Ingaburo Yera, we n’abigishwa biwe bariko baninahaza umusi mukuru wa Pasika. Yesu yabambwe ku musi mukuru wa Pasika, ni ho yashikije vy’ukuri umuhamagaro wiwe w’”umwagazi w’Imana ukura abantu ibicumuro” (Yohana 1:29).

Umutsima turya n’umuvinyu tunywa n’ikimenyetso c’umubiri wa Kristo, watanzwe ku bwacu, n’amaraso yiwe, yasesetse ngw’akureho ivyaha vyacu:

Bariko bararya, Yesu yabira umutsima, awuhezagiye arawumanyagura, awuha abigishwa, “ati Ni mwabire, murye, uyu ni umubiri wanje.” Yabira igikombe, agishimira Imana, arakibaha, “ati Ni munywe mwese, kukw’iki ar’amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi ngo baharirwe ivyaha. Ariko ndababwira yuk’uhereye none ntazokwongera kunywa kur’izi nzabibu ugashitsa kuri wa musi nzasangirira namwe umutobe wazo musha mu bwami bwa Data” (Mat. 26:26-29).

Intumwa Paulo yiganye iyi nkuru mur’ubu buryo:

Kukw’ico nahawe n’Umwami wacu ari co nabashikirije namwe, yuk’Umwami Yesu mw’ijoro yaguzwemwo yabiriye umutsima, akawushimira Imana, akawumanyagura, akavuga, “at’Uyu ni umubiri wanje wanje ubatangiwe, murahora mugira murtya kugira ngo kibe icibutso canje.” N’igikombe akigenza artyo, bahejeje kurya, arababwira, “at’Iki gikombe ni isezerano risha ryo mu maraso yanje; murahora mugira murtya uko muzonywako, kugira ngo kibe icibutso canje.” Uko murya uwo mutsima kand’uko munywera kur’ico gikombe, muba mumenyekanisha urupfu rw’Umwami wacu, kugez’ah’azogarukira (1 Kor. 11:23-26).

Ryari na Gute (When and How)

Ivyanditswe ntibitubwira incuro tworya ingaburo y’Umwami, ariko bigaragarako mw’ishengero rya mbere, vyakorwa igihe bakoraniye mu mazu basangira indya( raba 1 Kor. 11:20-34). Kuberakw’ingaburo y’Umwami ikomoka mu ndya za Pasika, yagirwa igihe co gufungura mur’ivo bihe vya Yesu, kand’ishengero rya mbere ryayirya nk’izi ndya, ari nako itegerezwa kugirwa mu bihe vyacu. Arikw’amashengero menshi akurikira “imigenzo y’abana b’abantu.”

Dutegerezwa kurya ku Ngaburo y’Umwami n’icubahiro. Intumwa Paulo yavuzekw’ari caha kinini kurya ku Ngaburo y’Umwami mu buryo butabereye:

Ni co gituma, umuntu wese azorya umutsima w’Umwami wacu, cank’azonywera ku gikombe ciwe, uko bidakwiye, azotsindwa n’urubanza rw’uko yakengerereye umubiri n’amaraso y’Umwami. Arik’umuntu yibaze ukw’ameze, abone kurya kur’uwo mutsima, no kunywera kur’ico gikombe. Kuk’uwurya cank’uwunywa, atamenye umubiri w’Umwami wacu, arya kand’anywa ibimuzanira gutsindwa n’urubanza. Ni co gituma muri mwebwe benshi bagira intege nke, abandi bakarwaragurika, kand’abatari bake bakaba barapfuye. Arikw’iyo twimenye uko turi, ntidutsindwa n’urubanza. Arikw’iyo dutsinzwe n’urubanza duhanwa n’Umwami, kugira ngo ntituze dutsindwe n’urubanza rudashira hamw’ab’isi (1 Kor. 11:27-32).

Duhanuwe kwisuzuma imbere yo kurya ku Ngaburo y’Umwami, kandi twisanzekw’icaha, twihane no kucatura. Bitameze gurtyo, tuzotsindwa n’urubanza kuko “twakengereye umubiri n’amaraso y’Umwami.”

Kubera ko Yesu yapfuye kandi asesa amaraso yiwe adukize icaha, ntidukwiriye kwegera iyo Ngaburo, ari yo Umubiri n’Amaraso, n’icaha tunyegeje. Twanse naho, tuzoba turikoturarya no kunyuwa gutsindwa n’urubanza rutuzanira indwara n’urupfu giturumbuka, nk’uko vyashikiye abakristo b’i Korinto. Inzira yogukira urubanza rw’Imana ni “kwisuzuma ubwacu,” bisigura, kwemera ivyaha dufise no kuvyihana.

Icaha ca mbere c’ab’i Koronti kwar’ukubura urukunda; baranyinyurana no kurwana. Kanatsinda, ukutitaho kwabo kwagaragara igihe c’Ingaburo y’Umwami igihe bamwe barya bagahaga abandi bagataha bashonje, abandi baraborerwa (raba 1 Kor. 11:20-22).

Umutsima turya werekana umubiri wa Kristo, ari wo shengero. Dusangira umutsima umwe, bisigurako tur’umwe nk’umubiri (1 Kor. 10:17). Ese ibara riri mu kurya ibituranga nk’umubiri umwe kandi turangwa no kurwanya no kudahuza n’izindi ngingo z’uyo mubiri nyene! Imbere yo kurya ku Ngaburo y’Umwa, dutegerezwa kugiriranira imigenderanire mwiza n’incuti zacu muri Kristo.

To subscribe to David Servant's periodic e-teachings, click here.


Kirundi » Amasakaramentu (The Sacraments)

Gusenga no Gutazira (Praise and Worship)

Igice ca Mirongwibiri (Chapter Twenty)

 

Uno mugore aramubwira [Yesu], “ati Mugenzi, ndabona k’ur’umuntu avugishwa n’Imana. Basogokuruza bacu basengera kur’uyu musozi, ariko mweho mugira ngw’ i Yerusalemu ni ho hantu hakwiye gusengerwa.” Yesu aramubwira, “ati Nyizera nyina wanje; igihe kuja kuza, si kur’uyu musozi cank’i Yerusalemu muzosengera Data….arikw’igihe kiza, kandi kirashitse, ni ho abasenga b’ukuri bazosengera Data mu mpwemu no mu kuri, kuko Data arondera abamusenga bameze bartyo. Imana ni mpwemu, kand’abayisenga bakwiye kuyisenga mu mpwemu no mu kuri” (Yohana 4:19-24).

Aya majambo ya Yesu ni rwo rufatiro rwo gutahura ivyo gusenga. Yesu aravuga “abayisenga b’ukuri” n’ibibaranga. Bisigurako hari abantu bayisenga mu buryarya. Bashobora kwiyumvira ko basenga Imana kand’atari vyo kuko badashitsa ibisabwa.

Yesu yaravuze ibiranga abasenga b’ukuri—basenga “mu mpwemu no mu kuri.” Turashobora kuvuga kw’abatayisenga mu kuri bayisenga “mu mubiri no mu buryarya.” Abatayisenga mu kuri, barashobora kwigana abasenga, ariko bo ubwabo ntibasenga kuko badakunda Imana.

Gusenga Imana vy’ukuri biva ku mutima ukunda Imana. Gusenga, s’igikorwa tugira igihe ishengero rikoranye, abubaha Kristo basenga badahumeka. Biratangaje, kubona uyo mugore yarikw’avugana na Yesu yari amaze kugira abagabo batanu kandi n’uwo yarafise mur’ako kanya atari rwiwe, arikw’agashaka kuvuga ivy’ikibanza co gusengeramwo Imana! Agereranywa n’abanyedini binjira mu makoraniro yo gusenga bakayigarariza mu vyo bakora. Ntibasenga mu kuri.

Yesu yarigeze gukankamira Abafarisayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe kubera uburyarya bwo mu mitima yabo:

Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze neza ivyo yavugishwa n’Imana kuri mwebwe, “at’Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, arikw’imitima yabo iri kure yanje. Bansengera ubusa, kukw’inyigisho bigisha ar’ivyagezwe n’abantu” (Mat. 15:7-9, dushimikiye ku nsobanuro).

N’ah’Abayuda n’Abasamariya b’igihe ca Yesu bashimikira cane ku kibanza co gusengeramwo, Yesu yavuze kw’atari co gikenewe cane. Ahubwo, uk’umutima w’umuntu wese uhagaze n’ingendo y’uwo muntu mu nyonga z’Imana ni vyo biranga ugusenga.

Vyinshi mu vyo bita “gusenga” n’ibikorwa bipfuye bikorwa n’abapfu. “Indirimbo zo mu mpwemu” nyinshi usanga ari ugusubiramwo abandi baririmvyi. Ukwo gusenga ntikugira ubushobozi kukw’ingeso z’abitwa ko basenga zirwanya ivyo bamamaza.

Imana yonezerezwa n’ijambo rimwe rivuye mu mutima w’umwigishwa w’ukuri rivuga ngo “Mana ndagukunda” ha kwumviriza indirimbo z’abaririmvyi injojo baririmba ibitava mu mitima yabo igihe cose bakoranye ku wamungumugitondo ngo “Uri nkuru Mana.”

Gusenga mu Mpwemu (Worshipping in Spirit)

Har’abavugako gusenga “mu mpwemu” ar’ugusenga no kuririmba mu zindi ndimi, ariko si vyo ugereranije n’ivyo Yesu yavuze. Yavuzeko “igihe kiza, kandi kirashitse, ni ho abasenga b’ukuri bazosengera Data mu mpwemu no mu kuri,” bisigurako har’abantu bashobora gusenga “mu mpwemu“ igihe yarikw’aravuga. Kandi tuzikw’abantu batanguye gusenga mu zindi ndimi ku musi wa Pentekote. Rero, uwizera wese, ar’uwuvuga mu zindi ndimi cank’atazivuga, ashobora gusenga Imana mu mpwemu no mu kuri. Kuririmba no gusenga mu zindi ndimi bishobora gufasha uwizera mur’uku gusenga, ariko no gusenga mu zindi ndimi birashobora kugirwa umuntu adasenga ibivuye ku mutima.

Tubona ugesenga kwagizwe n’ishengero rya mbere mu Vyakozwe n’intumwa 13:1-2:

Kandi muri Antiyokiya, mw’ishengero ryaho, har’abavugishwa n’Imana n’abigisha; umwe ni Barunaba na Simeyoni ari we Nigeru, na Lukiyoni Umunyakurene, na Manayeni yarerewe hamwe n’umwami Herode, hariho na Sauli. Bariko barasenga Umwami Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera aravuga, “ati Ni mundobanurire Barunaba na Sauli bankorere igikorwa nabahamagariye” (dushimikiye ku nsobanuro).

Bibiliya y’icongereza ivugako bariko “bakorera Umwami.” Bisigurako bariko barasenga, tubonako gusenga kw’ukuri ar’ugukorera Imana. Ivyo bishoboka igihe dukunda no kwihebera Umwami.

Inzira zo Gusenga (Ways to Worship)

Igitabo ca Zaburi dushobora kucita igitabo c’indirimbo z’ab’Isirayeli, kiduhanura gusenga Imana mu nzira zitandukanye. Akarorero, muri Zaburi 32 dusoma ngo:

“Yemwe abafise imitima itunganye mwese, muvuze impundu” (Zab 32:11b, dushimikiye ku nsobanuro).

N’aho vyogirwa mu gacerere, gusenga gufise ikibanza kugirirwamwo, no kuvuza impundu gufise ikibanza ciza.

Munezererwe Uhoraho, yemwe bagororotsi. Gushima kurabereye abatunganye. Mushimishe Uhoraho ikembe, mumuririmbire muvuza ishimwe ryiwe mu nanga y’imirya cumi. Mumuririmbire indirimbo nsha: mucurarangishe ubuhinga muyomanze (Zab. 33:1-3, dushimikiye ku nsobanuro).

Igihe dusenga, dutegerezwa kuririmbira Umwami, arik’ukuririmba kwacu gutegerezwa kuba mu munezero, ni k’umutima utegerezwa kumera. Turashobora guherekeza umunezero wacu n’ibicurarangisho vy’umuzika. Ntegerezwa kuvugako mu makoraniro menshi, ibikoresho vy’umuzika birusha ijwi ukuririmba. Bitegerezwa kugabanwa ijwi canke bikazimwa. Uwaririmvye zaburi nta kibazo nk’ico yar’afise!

Uko ni ko nzoguhimbaza, nkiriho: Nzotarika amaboko mw’izina ryawe (Zab. 63:4, dushimikiye ku nsobanuro).

Nk’ikimenyetso co kwishikana no kwubaha, turashobora gutarika amaboko ku Mana.

Yemw’abari mw’isi yose, muvugirize Imana impundu, muririmbe mwerekana icubahiro c’izina ryayo, muhimbaze ishimiwe ryayo. Mubwire Imana, “mut’erega ibikorwa vyawe biteye ubwoba! Ubushobozi bwawe bwinshi buzotuma abansi bawe bose bakwunamira baguhema. Abo mw’isi bose bazogusenga, bakuririmbire: Bazoririmbira izina ryawe” (Zab. 66:1-4, dushimikiye ku nsobanuro).

Dutegerezwa kubwira Umwami ingene ari mwiza n’ibituma aba mwiza. Zaburi ni co kibanza ciza tworondereramwo amajambo yo gushima Uhoraho. Dukwiriye kurengera amajambo y’isubiramwo twamenyereye nka “Ndagushima, Mwami!” Harihw’ayandi.

Nimuze tumusenge, twunamwe; Dupfukamire Uhoraho Umuremyi (Zab. 95:6).

N’ingene twifata mu kumusenga vyerekana ingene umutima wacu uri, duhagaze, dupfukamye canke twunamye.

Abakunzi biwe bavugirize impundu mur’ico cubahiro: Baririmbishwe n’akanyamuneza bari ku mariri yabo (Zab. 149:5, dushimikiye ku nsobanuro).

Ntidukwiriye guhagarara canke gupfukama gusa igihe dusenga—twosenga turi no ku mariri yacu.

Mushike mu birimba vyiwe mushima, no mu nyubakwa ziwe muhimbaza; mumukengurukire, mushemagize izina ryiwe (Zab. 100:4, dushimikiye ku nsobanuro).

Gushima kugira ikibanza iyo dusenga.

Bashimire izina ryiwe mu mvyino (Zab. 149:3, dushimikiye ku nsobanuro).

Turashobora gushima Umwami n’imvyino. Arikw’imvyino ntizibe iz’umubiri, cank’izo kwiyereka canke kunezereza abantu.

Muyishimishe ijwi ry’inzamba, muyishimishe ikembe n’inanga; Muyishimishe agashako k’ingoma n’imvyino, Muyishimishe ibifise imirya n’imyironge, Muyishimishe kuvuza cane ivyitwa matowazi, Muyishimishe kuvuza matowazi mw’ijwi rirengera. Igihumeka cose ni gishime Uhoraho! Haleluya! (Zab. 150:3-6).

Imana ishimwe ko yashizeho abacuraranzi. Ingabire zabo zirashobora guhimbaza igihe bacuraranze bivuye ku mutima.

Indirimbo zo mu Mpwemu (Spiritual Songs)

Ni muririmbire Uhoraho indirimbo nsha, kuko yakoze ibitangaza (Zab. 98:1a, dushimikiye ku nsobanuro).

Nta kibi co kuririmba indirimbo za kera, ikibi ni kumenyera indirimbo imwe. Ni ho duca dukenera indirimbo nsha iva mu mutima. Mw’Isezerano Rishasha, dutegerezwa kumenyako Mpwemu Yera adufasha gutegura indirimbo nshasha:

Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye rigwiriye, ririmw’ubwenge bwose: mwigishanye, muhanurane, muririmba zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmbire Imana mu mitima yanyu mubiheshwa n’ubuntu bwayo (Kol. 3:16).

Kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ubuhumbu, ariko mwuzure Mpwemu. Mubwirane zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmba, mucurarangira Umwami wacu mu mitima yanyu; Imana, Data wa twese, muyishimire imisi yose, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu (Efe. 5:18-20).

Paulo yavuzeko turirimba “zaburi, amatazirano, n’indirimbo zo mu mpwemu,” hategerezwa kuba itandukaniro hagati y’ivyo bitatu. Ijambo ry’Ikigiriki ryasobanura “zaburi”risigura kuririmba no gucuraranga. “Amatazirano,” ashobora kuba indirimbo zose abera baririmba mu gushima Imana mu mashengero atandukanye. “Amatazirano yo muri Mpwemu” ashobora kuba indirimbo ziva kuri Mpwemu zikagereranywa n’ingabire yo kuvugishwa n’Imana, arikw’ingabire zindi zo kuvuga zishobora guca mu ndirimbo.

Gusenga no gutazira bitegerezwa kuba mu buzima bwacu bwa misi yose—s’ibintu tugira iyo dukoranye gusa. Imisi yose dushobora gukorera Umwami no kurushirizaho kumwegera.

Gutazira—Ukwizera mu Bikorwa ( Praise—Faith in Action)

Gusenga no gutazira vyerekana ukwizera kwacu mu Mana. Igihe twizera amasezerano ari mw’ijambo ry’Imana, biduha umunezero, bikatwuzuza amatazirano. Yosuwa n’ab’Isirayeli babwiwe kuvuza akamo, impome zirasambuka. Bibiliya iduhanura “kunezerwa mu Mwami igihe cose” (Fil. 4:4) no “gushima muri vyose” (1 Tes. 5:18a).

Akarorero kadasanzwe katwereka ububasha buri mu gutazira tugasanga mu 2 Ngoma 20 igihe ihanga ry’Abayuda ryaterwa n’iganbo z’i Mowabu na b’Amoni. Umwami Yehoshafati asenze Imana, Imana imubwira iti:

Nta co mutinya, canke ngo muranduke Imitima kubw’ayo masinzi y’ingabo, kukw’intambara atar’iy’iyanyu, ariko n’iy’Imana. Ejo muze mumanuke mubatege….mur’iyo ntambara ntimuzorinda kurwana, ariko muze mutonde urugamba, mwihagararire gusa, murabe agakiza Uhoraho azobakirisha, yemwe Bayuda namwe b’i Yerusalemu (2 Ngo. 20:15b-17).

Inkuru irabandanya:

Bukeye bwaho barazinduka, bafata inzira ngo baje mu bugararwa bw’i Tekowa; bagitangura kugenda, Yohoshafati ahagarara ngaho, aravuga, ati “Ni muntege amatwi, yemwe Bayuda, namwe ababa i Yerusalemuu; mwizere Uhoraho Imana yanyu, mubone gushikama; mwizere n’abavugishwa na we, mubone gutsinda.” N’ukw’amaze kuja inama n’abantu, ashirakw’abo kuririmba Uhoraho no kumutazira, bashazishije ukwera, kugira ngo bagende bitangiye imbere y’ingabo, baririmbe, bati “Ni mushime Uhoraho kukw’imbabazi ziwe zamah’ibihe bidashira. Nuko bakiririmba no gutazira, Uhoraho ashirah’abo guca igico abari baje gutera i Buyuda, ari bo Bamoni n’Abanyamowabu n’abavuye ku musozi Seyiri, baca basubiranamwo. Kukw’Abamoni n’Abanyamowabu baciye bahindukirana abavuye ku musozi Seyiri, kugira ngo babice, babageseze; nuko bamazw guherengereza abo Banyaseyiri, bisubiraniramw’ubwabo, umuntu wese na mugenzi we bashirako baricana . Hanyuma Abayuda bashitse ku munara wo kushibamako wo mubugararwa, baginze ngo bararaba ayo masinzi y’ingabo, basanga n’imirambararo hasi, ata warushe akira n’umwe. Maze Yoheshafati n’ingabo ziwe bagiye ngo bisahurire isahu, bahasanga ibigenda vy’ibitayega, n’impuzi, n’ibintu vyinshi, n’utugenegene tw’igiciro, nuko bamaze kubakoba, bibananira kubitwara kuko vyari vyinshi; bamara imisi itatu bisahurira isahu, kuko vyar’isinzi” (2 Ngo. 20: 20-25, dushimikiye ku nsobanuro).

Ugutazira kuva ku kwizera kuzana ukurindwa no guhazwa!

Ushaka kumenya vyinshi k’ubushobozi buri mu gutazira, raba Fil. 4:6-7 (gutazira kuzana amahoro), 2Ngo. 5:1-14 (gutazira kuzana ukubaho kw’Imana), Ivyak. 13:1-2 (gutazira guhishura intumbero n’imigambi y’Imana), n’ivyak. 16:22-26 (gutazira gukura mw’ibohero).

To subscribe to David Servant's periodic e-teachings, click here.


Kirundi » Gusenga no Gutazira (Praise and Worship)

Urugo Rukristo (The Christian Family)

Igice ca Mirongwibiri na Rimwe (Chapter Twenty-One)

Imana, ata gukekeranya, ni yo yashinze ingo. Bisigurakw’ari yo itegerezwa kutwigisha ingene ingo zubakwa no kutumenyesha ibituma zisambuka. Vy’ukuri, Imana yaraduhaye ibintu ngenderwako vyinshi mw’ijambo ryayo ivyerekeye ingo n’igikorwa c’umuntu wese mu kurwubaka. Igihe izi nyigisho za Bibiliya zikurikijwe, ingo zironka imigisha Imana yabateguriye kugenderamwo. Igihe bitubahirijwe, imitima irakomereka.

Igikorwa c’Umugabo n’Umugore mu rugo (The Role of Husband and Wife)

Imana yateguyek’urugo rw’abakristo rukurikiza urutonde runaka. Kukw’ari rwo rutuma urugo rubaho, ariko Satani akora ibishoboka vyose ngw’atobe urwo rutonde Imana yashizeho.

Ica mbere, Imana yategetsek’umugabo aba umutwe w’urugo. Ntibisigurak’umugabo ategerezwa kugendera umugore n’abana biwe ku gakanu. Imana yategetse abagabo gukunda abagre babo, kubarinda, kubatunga no kurongora urugo nk’umutwe. Imana yategetsekw’abagore baca bugufi musi y’uburongozi bw’abagabo babo. Iki canditswe kibivugako neza:

Bagore, mugamburukire abagabo banyu, nk’uko mugamburukira Umwami wacu. Kuk’umugabo ari we mutwe w’umugore wiwe, nk’uko Kristo na we ar’umutwe w’ishengero, akaba umukiza waryo, ari wo mubiri wiwe. Ariko nk’ukw’ishengero rigamburukira Kristo, abe arikw’abagore bagamburukira abagabo babo muri vyose (Efe. 5:22-24).

Umugabo si umutwe w’umugore wiwe mu mpwemu—Yesu ni we nyene ico kibanza. Yesu ni we mutwe w’ishengero mu mpwemu, kand’umugore akijijwe afise ikibanza kingana n’ic’umugabo wiwe asangwa bose bakijijwe. Mu rugo, hoho, umugabo akijijwe ni umutwe w’umugore n’abana biwe, kandi abo bategerezwa kwubaha urwo rutonde rw’Imana.

Umugore yo kwumvira umugabo wiwe gushika k’uruhe rwego? Ategerezwa kumwumvira muri vyose, nk’uko Paulo yabivuze. Ariko ntashobora kumwumvira igihe bituma arengakw’ijambo ry’Imana cank’igihe umugabo amusaba ibidakorwa. Kanatsinda nta mugabo akijijwe yotegeka umugore wiwe gukora ikizira cank’ibituma ahonyanga ijambo ry’Imana. Umugabo si umwami w’umugore wiwe—ico kibanza ni ca Yesu gusa. Igihe bisaba umugore guhitamwo uwo yubaha, ategerezwa guhitamwo Yesu.

Abagabo bategerezwa kumenya kw’Imana idategerezwa kwama “ku ruhande rw’abagabo.” Har’igihe Imana yabwiye Aburahamu gukora ico mukiwe Sara yamubwiye (raba Ita. 21:10-12). Ivyanditswe vyerekanako Abigayili yanse kwumvira igipfu c’umugabo wiwe Nabali bituma amukiza akaga (raba 1Sam. 25:2-38).

Ijambo ry’Imana ku Bagabo (God’s Word to Husbands)

Imana ibwira abagabo, iti:

Bagabo, mukunde abagore banyu nk’uko Kristo yakunze ishengero akaryigura….Nikw’abagabo na bo bakwiriye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe aba yikunda; kukw’ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe, arikw’arawugaburira, akawubungabunga, nk’uko Kristo na we agirira ishengero : kuko tur’ingingo z’umubiri wiwe….ariko namwe nyene, umuntu wese akunde umugore wiwe nk’uko yikunda; umugore na we ni yubahe umugabo wiwe (Efe. 5:25, 28-30, 33).

Abagabo bategetswe gukunda abagore babo nk’uko Kristo yakunze ishengero. Ico gikorwa si gito! Umugore wese yogamburukira umugabo wiwe igihe amukunze nk’uko Kristo yakunze ishengero—we yatanze ubugingo bwiwe kubw’urukundo. Nk’uko Kristo akunda umubiri wiwe, ishengero, nikw’abagabo bategerezwa gukunda abagore babo kukw’ar’”umubiri umwe” (Efe. 5:31). Igihe umugabo akijijwe akunze umugore wiwe nk’ukw’ategerezwa, azomugaburira, azomubungabunga, azomuha icubahiro, azomukomeza, kand’azokwama amufitiye akanya. Igihe ananiwe gushitsa ayo mabanga yiwe, umugabo ashobora kwizibirira inyishu y’amasengesho yiwe:

Namwe bagabo n’uko, mubane n’abagore banyu nk’abazi ibibereye, kukw’ari nk’imbombovu zidahwanije namwe inkomezi, kandi mubahe icubahiro, kuko nabo ar’abaragwana namwe ubuntu bw’ubugingo, kugirang’ugusenga kwanyu ntikugire ikigutesha (1 Pet. 3:7, dushimikiye ku nsobanuro).

Nta rugo rwigera rubura intambara cank’ukudatahurana. Biciye mu kwitanga no gukomeza icamwa ca mpwemu, abagore n’abagabo barashobora kubana mu mwumvikano no kubona imigisha idasanzwe ihabwa urugo rwabatswe rukristo. N’aho haza ibibazo umuntu adashobora kwirinda, umuntu wese mu rugo ategerezwa kwihatira gushikira urugero rwa Kristo mu gukura kwiwe.

Ushaka kumenya cane ku bagore n’abagabo, raba Ita. 2:15-25; Imig. 19:13; 21:9, 19; 27:15-16; 31:10-31; 1Kor. 11:3; 13:1-8; Kol. 3:18-19; 1Tim. 3:4-5; Tit. 2:3-5; 1Pet. 3:1-7.

Amabanga y’Abubatse (Sex in Marriage)

Imana ni yo yashizeho ibitsina, kandi yabishiriyeho kuzanira umunezera abubakanye no kurondoka. Bibiliya, yerekanakw’abemerewe kurangura amabanga y’abubatse ar’umugore n’umugabo bamaze kugirwa umwe n’amasezerano yo kwabirana.

Guhuza ibitsina kw’abatubakanye vyitwa kurenga ibigo cank’ubusambanyi. Intumwa Paulo yerekanyekw’abagira kimwe mur’ivyo nta bwami bw’Imana bazobona (raba 1 Kor. 6:9-11). N’ah’umukristo ashobora kugeragezwa ngw’arenge ibigo cank’asambane, aramutse abikoze umutima wiwe umucira urubanza ukamutuma yihana.

Kandi Paulo yerekanye igikorwa c’umugabo n’ic’umugore mur’iyo mibano yabo:

Ariko kubwo kwirinfa gushakana, umugabo wese agire uwiwe mugore, n’umugore agire uwiwe mugabo. Umugabo ah’umugore wiwe ivy’akwiye, kand’umugore na we abigenze artyo ku mugabo wiwe. Kuk’umugore ataganza umubiri wiwe, arik’uganzwa n’umugabo; kand’umugabo na we ntaganza umubiri wiwe, arik’uganzwa n’umugore. Ntimukimane, shiti kumbure musezeranye igihe, kugira ngo mubone uburyo bwo gusenga, kandi mwongere mubane, Satani ntabageragereshe kutirinda kwanyu (1 Kor. 7:2-5).

Iyi mirongo yerekana neza k’uguhuza ibitsina atar’”ingero” y’umugabo cank’umugore nah’umwe wese ata bubasha afise ku mubiri wiwe ubwiwe.

Ikirengeye vyose, guhuza ibitsina n’ingabire yatanzwe n’Imana kandi ntiyatanzwe ngw’ikore ibihumanya cank’ibitera soni. Paulo yahanuye abakristo bubatse kugira imigenderanire mwiza mu guhuza ibitsina. Kandi rero, iyi mpanuro dusubira kuyisanga mu gitabo c’imigani:

Isoko yawe igire umugisha, kand’unezerererwe umugore wo mu buto bwawe. Nk’impongokazi y’urukundo n’ingeregere y’igikundiro amabere yiwe akubumbe ibihe vyose; kandi wame uhimbarwa n’urukundo rwiwe (Imig. 5:18-19).

[1]

 

Kukw’abakristo bubakanye bategerezwa kunezerererwa imigenderanire yabo mpuzabitsina, umugabo n’umugore abagore n’abagabo bategerezwa gutahura yuko har’itandukaniro rinini hagati ya kamere zabo zompi. Dusanga, kamere k’umugabo gakunda guhuza ibitsina, ariko kamere k’umugore mu guhuza ibitsina gafatira ku bigumbagumba cank’ukwiyumvamwo. Ugushaka guhuza ibitsina kw’umugabo kuva kuvy’abonesha amaso yiwe (raba Mat. 5:28), arik’ugushaka kw’umugora kuva ku migenderanire mwiza afatiniye n’umugabo ( raba 1Kor. 7:1). Abagabo bifuza guhuza ibitsina n’abagore bashimisha amaso yabo; abagore na bo bifuza guhuza ibitsina n’abagabo bafise ingeso zitandukanye zihuye n’ic’imitima yabo yifuza. Ni co gituma abagore b’ubwenge bitaho kwama bashimisha amaso y’abagabo babo. N’abagabo b’ubwenge bitaho kwereka abagore babo urukundo mu kubagumbira no gukora ibishimisha imitima yabo mu gishingo co kwiyumvirakw’abagore babo bafise igishika co “kubasimbirako” igihe cose bababonye.

Icifuzo c’umugabo co kurangura amabanga y’abubatse congerekana uk’umubiri wiwe urushirizaho kugubwa neza, arik’ic’umugore congerekana canke kikagabanuka ukw’agiye mu mihango. Abagabo barashobora guhazwa mu kanya gato igihe barangura amabanga y’abubatse; arik’abagore bafata umwanya munini. Kandi nah’umubire w’umugabo udakenera imyiteguro myinshi imbere yo kurangura amabanga y’abubatse , umubiri w’umugore wowo ufata n’imiburiburi igice c’isaha c’imyiteguro. Rero abagabo b’ubwenge bazi gutegura abagore babo mu kubasomagura no kubakorako ku bihimba bituma bifuza kurangura amabanga y’abubatse. Umugabo atazi ah’ivyo bihimba biri, abaze umugore wiwe. Vyongeye, umugabo ategerezwa kumenyako n’ah’ashobora kubumbwa n’incuro imwe gusa mu kurangura amabanga y’abubatse, umugore wiwe abumbwa na nyinshi. Umugabo ategerezwa kugira ukw’ashoboye ngw’ashimishe umugore wiwe.

Ni nkenerwa cane kw’abakristo bubakanye bavugana ata buryarya cank’ubwoba kandi bakigishanya ingene ibitsina vyabo bitandukanye. Uko bashishikara kuvugana, amezi n’imyaka vyitera, ni ko bubura no kugendera mu migenderanire n’imigisha mishasha.

Abana b’Urugo rw’Abakristo (Children of a Christian Family)

Abana bategerezwa kwigishwa kwubaha no guca bugufi imbere y’abavyeyi babo. Kandi bavyemeye, bahabwa kubaho imisi imyaka myinshi n’iyindi migisha basezeranywe:

Bana, mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu: kukw’ivyo ari vyo bigororotse. “Wubahe so na nyoko” ico ni co cagezwe ca mbere kirimwo isezerano, “kugira ng’uronke amahoro, urambire kw’isi” (Efe. 6:1-3).

Ba se rugo bakijijwe, nk’imitwi y’ingo zabo, bahawe igikorwa co kwigisha abana babo:

Namwe ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanura, uk’Umwami wacu agomba (Efe. 6:4).

Menyakw’igikorwa ca se rugo kirimwo bibiri: kwigisha no kurera abana nk’uk’Umwami agomba. Reka turabe akamaro ko guhana abana.

Guhana Umwana (Child Discipline)

Umwana yakuze adahanwa arangwa no kwikunda no kugarariza. Abana bategerezwa guhanwa igihe cose banse kwumvira amategeko abatoza indero nziza nk’uko bayahawe n’abavyeyi babo. Abana ntibakwiye guhanwa igihe bakoze ibihwanye n’imyaka bafise. Ariko bategerezwa kumenya ingaruka mbi y’amakosha yabo igihe banse guhindura, ni ko kubategura mu buzima bwa kazoza.

Abana bisununuye bashobora guhanishwa inkoni nk’ukw’ijambo ry’Imana ribivuga. Inzoya zozo ntizishibora guhanwa. Arikw’igihe ziriko zirisununura zitegerezwa kumenyeshwakw’abavyeyi ari bo bahawe igikorwa co kubarera. Bashobora kwigishwa ijambo “oya” mu kubabuza gukora ivyo bariko barakora canke ivyo bashaka gukora. Igihe batanguye gutahuta ic’ijambo “oya” risigura, n’aho bashobora gukubitwa buhorobuhoro ku maguru kugira barushirize gutahura cane ikibi co kutumvira. Igihe ibi bikozwe neza, abana bakura bazi kwumvira no kwubaha.

Abavyeyi barashobora kumenyereza abana kugira ingeso nziza, kubankira ikintu kanaka igihe bagisavye biriza. Kuk’ubahaye igihe biriza bamenyako bategerezwa kwiriza kugira ngo bahabwe ico bifuza.To do so is to teach children to cry in order to gain their desires. Cank’igihe abavyeyi babaha ico bifuza igihe cose bishavuje canke bidodomba, bituma abana bakurana izo ngese mbi. Abavyeyi b’ubwenge bashigikira ingeso nziza gusa.

Inkoni ntigakoreshwe mu kumugaza umwana arikw’ikoreshwe kugira ng’umwana atumvira ashike aho arira. Ni h’umwana azomenyako kutumvira kwiwe gutuma arira. Bibiliya irabishigikira:

Uwurinda umwana inkoni aba amwanse, arik’uwumukunda amuhana hakiri kare….Ubupfu bubabuhambiriwe ku mutima w’umwana, arikw’inkoni y’uguhana izobwirukana kure yiwe….Ntureke guhana umwana, kukw’atokwicwa n’uk’umukubise inkoni. Uz’umukubite inkoni, ni ho uzokiza ubugingo bwiwe ngo ntibuje i Kuzimu….Inkoni n’indero nziza bicisha ubwenge, arik’umwana bapfa kurekera aho atetereza nyina (Imig. 13:24; 22:15; 23:13-14; 29:15).

Igihe abavyeyi bubahiriza amategeko yabo, ntibakwiye guhindisha abana agashitsi bibazakw’arihw’abana baca bumvira. Igihe umwana atumviye, n’akubitwe. Igihe umuvyeyi atinyisha umwana mu kumukubita, aba arikw’atsimbataza ubugarariji bw’uyo mwana. Ico gihe umwana ntaba acitaho kwumvira kiretse igihe arengewe n’ibitutsi.

Umwana amaze guhanwa, umuvyeyi ategerezwa kumwereka urukundo amufitiye.

Gutoza Umwana Indero (Train Up a Child)

Abavyeyi bakijijwe bategerezwa kwitaho indero y’abana babo, nk’uko tubisoma mu migani 22:6: “Toza Umwana Indero akwiye kwamana, azorinda asaza atarayivamwo” (dushimikiye ku nsobanuro).

Gutoza umwana indero ntibigizwe no kumuhana gusa ariko no kumushimira igihe akoze iciza. Abana bakwiye kwama bashimirwa igihe bakoze neza kuko bituma bashishikara gukora no kwigenza neza. Abana bakwiye kwama babwirwako babakunda, ko banezereza abavyeyi babo. Abavyeyi bashobora kwerekana urwo rukundo mu kubasomba, kubagumbira, no kubaha akanya ko kuyaga.

“Gutoza indero” bisigura “gutuma umuntu yumvira.”Abavyeyi bakijijwe, ntibashobora guhitishamw’abana bababaza ko bifuza kuja mu rusengero canke mu masengesho canke gusenga buri musi. Abana ntibarashika aho bahitamwo neza ibikiza ubugingo bwabo—ni co gituma Imana ibaha abavyeyi. Abavyeyi bitaho gukurikirana indero y’abana babo, Imana yarabasezeranyekw’abana bazokwamana iyo ndero no mu busaza Imigani 22:6.

Abana bategerezwa guhabwa ibikorwa barangura uko bagenda bakura. Igikorwa c’umuvyeyi ni gutegura umwana ngw’agire umutima wo kwitwararika ibikorwa ukw’agenda akura. Uk’umwana akura, ni kw’agenda ahabwa umwidegemvyo wo guhitamwo ubwiwe. Vyongeye, umuyabaga ategerezwa kumenya kwemanga inkurikizi mbi zizanwa n’ingingo mbi afata kand’akamenyakw’abavyeyi batazokwama bari ngaho ngo “babubakire ivyo basambuye.”

Abavyeyi Bategekwa Kwigisha Abana (Parents’ Responsibility to Instruct)

Dusomye mu Banyefeso 6:4, abavyeyi ntibatoza indero gusa ariko bategerezwa kwigisha abana babo mu Mwami. Si igikorwa c’ishengero kwigisha abana inyigisho za Bibiliya, indero rukristo—ni igikorwa ca se rugo. Abavyeyi bahebeye ico gikorwa inyigisho zo ku wa mungu bari mu bujuju budasanzwe. Imana yategetse Abisirayeli icishirije muri Mose iti:

Ayo mabwirizwa mbageze uyu musi, az’ahore ku mitima yanyu: muze mugire umwete wo kuyigisha abana banyu; muze muyahoze mu kanw iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse (Gus. 6:6-7, dushimikiye ku nsobanuro).

Abavyeyi bakijijwe bategerezwa kwigisha abana babo, bakiri bato, ivy’Imana, bababwira ingene ibakunda. Abana bato bategerezwa kwigishwa inkuru y’ivuka rya Yesu, ubuziman bwiwe, urupfu rwiwe, n’izuka ryiwe. Abana bafise imyaka itanu cank’itandatu barashobora gutahura ubutumwa buri mw’injili kandi bagafata ingingo ya gukorera Umwami. Inyuma y’aho gatoya (ku myaka itandatu cank’indwi, cank’imbere y’aho), barashobora kubatizwa muri Mpwemu Yera bakavuga no mu zindi ndimi. Kanatsinda, nta woshiraho icagezwe ngaho kuk’umwana wese atandukanye n’uwundi. Ikivugwa ngaha n’ukw’abavyeyi bokwitwararika cane ubuzima bw’abana babo muri mpwemu.

Ingingo Cumi zo Gukunda Abana Bawe (Ten Rules for Loving Your Children)

1). Ntukaratse abana bawe (raba Efe. 6:4). Abana ntibashobora gukora nk’abakuze. Igihe ubategeka gukora ibibarengeye, nta na kimwe bazokora, kuko baziko bidashoboka.

2). Ntugereranye abana bawe n’abandi bana. Bamenyeshe ingene ubakunda nk’ukw’Imana yabaguhaye nk’ingabire rudende.

3). Bahe ivyo bakora mu nzu ni ho bazomenyako bafise ikibanza kidasanzwe mur’urwo rugo. Ivyo bizotuma bakura bazi ko har’ico bashoboye gukora.

4). Fata akanya ko kubana n’abana bawe. Bituma bemenyako bafise agaciro kuri wewe. Kubaha ivy’ubaha ntibingana no kubaha akanya. Vyongeye, abana bigirira ku muntu bamarana umwanya cane.

5). Ugomba kuvuga ikintu kibi, cishiriza mu mvugo nziza. Sinigeze mbira abana banje kw’ari “babi” igihe bangararije. Ahubwo nabwira umuhungu wanje, nti “ur’umwana mwiza cane, kand’abana beza nka we ntibakora ivy’uhejeje gukora!” (Nkaca ndamukubita)

6). Menyakw’ijambo “oya” risigurako “Ndakwitwararika.” Igihe abana bakora ivyo bishakiye, bamenyak’utabitaho ng’ushobore kubabuza kubikora.

7). Abana bawe bigire kuri wewe. Kenshi abana kwigira ku bavyeyi. Umuvyeyi w’ ubwenge ntashobora kubwira umwana wiwe, ngo “kora ivyo mvuga, ntukore ivyo nkora.”

8). Nti wame uhishira umwana wawe. Mukize ivyo mwica; arikw’ingorane zitamwica umureke azicemwo.

9). Korera Imana n’umutima wawe wose. Nasanze abana bavyawe n’abavyeyi b’akazuyaze mu mpwemu babandanya mu mpwemu gake cane. Abana bakijijwe n’aho bavuka ku bavyeyi badakijijwe hamwe n’abana bavuka ku bavyeyi bakijijwe neza bashishikara gukorera Imana igihe “batanguye kwitunga ubwabo.”

10). Igisha abana bawe ijambo ry’Imana. Kenshi usanga abavyeyi bitwararika amashule y’abana bakibagira kubaha inyigisho za Bibiliya.

Ikibanza c’Igikorwa cose, Urugo n’Igikorwa c’Imana

(The Priorities of Ministry, Marriage and Family)

Ikosha abakristo benshi bakora ni ukwitwararika cane igikorwa c’Imana bakibagira ingo zabo. Bitwaza “igikorwa c’Umwami.”

Iki kibazo gitorerwa umuti igihe umukozi amenyek’ ukwumvira kwiwe no kwihebera Imana nyakuri birangwa n’imigenderanire afitaniye n’umugore n’abana biwe. Nta mukozi yovugako yihebeye Imana kand’ananiwe gukunda umugore wiwe nk’uko Kristo yakunze ishengero, cank’igihe ata n’akanya gato afise ko kwigisha no guhanura abana biwe mu Mwami.

Ikirengeye vyose, kwirengagiza umugore n’abana kubera “igikorwa c’Imana” ni ikimenyetso cerekana k’ukorera mu mubiri kand’ukoresha ubushobozi zawe gusa. Abungere b’amashengero bavugako bafise igikorwa gikomeye cane ni bo karorero k’ivyo duhejeje kuvuga, usanga biyica ubwabo kugira ngw’integuro z’ishengero zikorwe.

Yesu yavuzekw’umutwaro wiwe uhwahutse n’ingata yiwe itababaza (raba Mat. 11:30). Nta mukozi n’umwe ategeka kwihebera igikorwa c’Imana gushik’ah’atagishobora kwitwararika urugo rwiwe. Kanatsinda, kimwe mu vyo umukuru w’ishengero asabwa ni “kuba ashobora kuganza neza abo mu rugo rwiwe” (1 Tim. 3:4). Imigenderanire afitaniye n’umuryango wiwe niyo yerekana kw’akwiriye guhabwa igikorwa cank’oya.

Abirigwa mu ngendo zo gukorera Imana bategerezwa gufata akanya gahagije ko kubana n’umiryango yabo igihe bagarutse. Bene Data bagize umubiri wa Kristo bategerezwa kugira uko bashobora kwose kugira ngw’ivyo bishoboke. Umukozi agira abigishwa azi nezakw’abana biwe ari bo bigishwa biwe ba mbere. Ananiwe n’abo, nta ruhusha afise rwo kugira abigishwa hanze y’inzu yiwe.

 


[1]

Ushaka kumenya kw’Imana ititoraguza, raba Indirimbo ya Salomo 7:1-9 n’Abalewi 18:1-23.

To subscribe to David Servant's periodic e-teachings, click here.


Kirundi » Urugo Rukristo (The Christian Family)

Amabango (The Ministry Gifts)

Igice ca Cumi n’Umunani (Chapter Eighteen)

 

Arik’umuntu wese muri twebwe yahawe ubuntu, nk’uko tugererwa ingabire ya Kristo….Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bwiza, abandi kuba abungere n’ abigisha: kugira ngw’abera babone gutungana, baheze bakore igikorwa co kugabura ivy’Imana, bubake umubiri wa Kristo: kugeza aho twese tuzoshikira ku kugirirana ubumwe buva ku kwizera n’ukumenya Umwana w’Imana, kandi kugeza aho tuzoshikira kuba abantu bakuze, no kurugezo rw’ubwinshi bwo kunengesera kwa Kristo (Ef. 4:7, 11-13, hongeweko insobanuro).

Kand’Imana yabanje gushira mw’ishengero bamwe kuba intumwa, maz’abakabiri ibashiraho kuba abavugishwa na yo, maz’abagatatu ibashiraho kuba abigisha, maz’ishiraho abakora ibitangaza, maz’ishirah’abahawe ingabire zo gukiza indwara, n’abahawe gufasha abandi, n’abahawe kurongora, n’abahawe kuvuga indimi nyinshi (1 Kor. 12:28, hongeweko insobanuro).

Ambango, nk’uko bayita kenshi, n’imihamagaro hamwe n’ubushobozi butandukanye buhabwa abizera kanaka bigatuma bahagarara mu gikorwa c’intumwa, abavugishwa n’Imana, abavugabutumwa, abungere cank’abigisha. Nta muntu n’umwe ashibora kwishira mur’ivyo bikorwa. Ahubwo, umuntu ategerezwa guhamagarwa no guhabwa ubushobozi n’Imana.

Birashoboka cane k’umuntu ashobora kugira amabango ababiri cank’arenga, ariko har’ayadashobora kubangikanwa. Akarorero, birashoboka k’uwizera ahabwa ibango ry’ubwungere n’umwigisha cank’umuvugishwa n’Imana n’umwigisha gusa. Ntivyotahurika, k’umuntu aba mw’ibango ry’umwungere n’umuvugabutumwa kukw’igikorwa c’umwungere kimusaba kuguma mu kibanza kimwe akorera ishengero rimwe, rero ntashobora gukora nk’umuvugabutumwa kuk’uyu afata ingendo cane.

N’ah’ibi bikorwa bitanu biva ku Mana kandi bishiriweho intumbero zitandukanye, zose zahawe ishengero mu ntumbero imwe—kugira ngw’ “abera babone gutungana, baheze bakore igikorwa” (Ef. 4:12).

[1]

Intumbero y’umukozi wese itegerezwa kuba iyo gutunganya abera (iri nayo nsobanuro y’ijambo “abera”) baheze bakore igikorwa. Kenshi cane, abari mu gikorwa bakora nk’abatahamagariwe gutunganya abera, ariko nk’abaryohera abanyamubiri bicara ngo bakorerwe—amakoraniro y’ishengero. Umuntu wese yahamagariwe kimwe mur’ivyo bikorwa ategerezwa kwama asuzuma intererano yiwe mu “gutunganya abera baheze bakore igikorwa c’Imana.” Iy’ab’umukozi wese arivyo akora, benshi bahagaritse bimwe mu “bikorwa” vy’ubupfu bakora.

Hari Ibikorwa Vyakorwa mw’Ishengero rya Mbere gusa?

(Were Some Ministry Gifts Only for the Early Church?)

Ivyo bikorwa vyahawe ishengero gushika ryari? Yesu azokwama abitanga igihe cose abera biwe bazoba bagikewe gutunganywa, bisigura gushika igihe azogarukira. Ishengero ryama rironka abakristo bashasha bagikeneye gukura, kandi natwe dusigaye twama dufise ibikeneye gukura mu mpwemu.

Har’abamaze kuvugakw’ibikorwa bibiri gusa ari vyo bikora mur’iki gihe cacu—abungere n’abavugabutumwa—nk’ah’umengo Imana yarahinduye umugambi wiwe. Oya, turacakeneye intumwa, abavugishwa n’Imana n’abigisha nk’ukw’ishengero rya mbere ryari ribikeneye. Igituma tutabona uturorero tw’ibi bikorwa mu mashengero menshi yo kw’isi n’uko Yesu atanga ibi bikorwa kw’ishengero ryiwe, atar’ishengero ry’’ibinyoma, rihumanye, ryigisha ubutmwa bw’ibinyoma. Mw’ishengero ry’ibinyoma dusanga ababesha ko bafise ivyo bikorwa mu gushitsa intumbero zabo (kenshi usanga ar’abungere n’abavugabutumwa), ariko bihatira gusa n’abahamagawe n’Imana n’abahawe amavuta yo gukorera ishengero. Ntibashobora gukora ngo batunganye abera bashikire gukora igikorwa c’Imana, kuk’ubutumwa batanga ntibutuma abantu bezwa; buguma bubesha abantu ko bamaze guharirwa. Kand’abo bantu ntibifuza na gato gutunganya abera baheze bakore igikorwa c’Imana. Ntibiteguye kwiyanka canke kwikorera imisaraba yabo.

Womenya Gute Ko Wahamagawe? (How do You Know if You are Called?)

Umuntu yomenya gute ko yahamagariwe kimwe mur’ivyo bikorwa mw’ishengero? Mbere na mbere, yiyumvamwo guhamagarwa n’Imana. Yumva ashaka gukora ikintu kubw’Imana. Ibi birengeye kubona gusa ko har’igikenewe gukorwa. Ahubwo, ni inzara itangwa n’Imana igatuma umuntu yifuza gukora igikorwa kanaka. Namba yarahamagawe n’Imana koko, ntashobora guhazwa atarakora ico gikorwa. Ibi biratandukanye cane no kugenwa n’abantu cank’inama y’abantu kanaka. Imana niyo ihamagara.

Ica kabiri, umuntu yahamagawe vy’ukuri asanga Imana irikw’imwegeraniriza ibikenewe kugirangw’akore neza igikorwa yamuhamagariye. Ugusigwa kuzanwa n’umuhamagaro. Iy’ata gusigwa guhari, nta muhamagaro uba uriho. Umuntu arashobora guhamagarirwa gukorera mu ngabire kanaka, akaja kwiga imyaka ine amashule ya Bibiliya no kwitegurira ico gikorwa, arikw’ata gusigwa kuva ku Mana, ntashobora gukora ahimbaze Imana.

Ica gatatu, asanga Imana imaze kumwugururira inzira kanaka kugirangw’ashobore gukora ico yahamagariwe. Ni ho ashobora kwiyerekana kuba umwizigirwa, ni vyo bituma yizerwa kuri vyinshi, amabanga n’ibikorwa.

Iyo umuntu atiyumvamwo ishaka n’umuhamagaro w’igikorwa kimwe mur’ivyo bitanu, canke ntabone ugusigwa runaka butuma ashobora gukora igikorwa c’Imana, cank’ata karyo na kamwe araronka ngw’akorere mur’iyo ngabire yiyumvira kw’afise, uyu muntu yoreka kwigira ico Imana itamuhamagariye. Ahubwo, yokora ivyo ashoboye kugira ngw’abere umugisha ishengero ryiwe, imicungararo yiwe, n’ahw’akorera mu buzima bwa misi yose. Nahw’atahamagariwe gukora rimwe mur’ayo “mabango atanu”, yahamagariwe gukoresha ingabire yahawe n’Imana, akagerageza kuba umwizigirwa kur’ivyo.

Nah’ivyanditswe bivuga amabongo atanu gusa, ntibisobanura k’umuntu wese afise igkorwa kanaka akora ategerezwa gusangira ingabire n’uwundi. Paulo yanditse yuko har’”amabango menshi” (1 Kor. 12:5), yerekana ko har’itandukaniro ry’amabango. Vyongeye, bibonekako har’ugusigwa gutandukanye ku bantu bari mu mabango atandukanye, tuzokwerekana umurwi wa buri bango twisunze urugero rwo gusigwa umwe wese afise. Akarorero, har’abigisha bafise ugusigwa kwinshi gusumba abandi bigisha. Ni ko bimeze no kuyandi mabango. Ndizera k’umukozi wese afise ibintu ashobora kugira bigatuma ugusigwa kwiwe kwongerekana mu gikorwa ciwe, nko kuba umwizigwa mu kiringo runaka no kwishikanira Imana rwose.

Kwihweza Cane Ibango ry’Intumwa (A Closer Look at the Office of Apostle)

Ijambo ry’ikigiriki ryasobanuwe intumwa ni apostolos kandi risobanura “uwatumwe.” Intumwa y’ukuri mw’Isezerano Rishasha ni uwizera arungitse n’Imana ahantu gushinga amashengero. Ashirah’itanguriro ryo mu mpwemu mu “kwubaka” igikorwa c’Imana kandi agereranywa n’”umwubakisha mukuru,” nkuko Paulo, intumwa na wenye, yanditse:

Kukw’Imana ari yo dukorana, namwe mur’indimiro y’Imana, mur’inzu yubakwa n’Imana. Nk’uko nahawe ubuntu n’Imana, nashizeh’itanguriro, nk’umwubakisha w’ubwenge, uwundi yubakako (1 Kor. 3:9-10a, hongeweko insobanuro).

“Umwubakisha w’ubwenge,” cank’umwubakisha mukuru, acungera ukw’inyubako ibandanya—afise umutwaro wo kubona inyubako isozerwa. Ntameze nk’umuhinga wo gusakara canke kugerekeranyakw’amatafari. Arashobora gukora igikorwa co gusakara canke co kugerekeranya amabuye, ariko ntiyonganya n’ababinonosoye. Nkuko nyene, intumwa ifise ubushobozi bwo kuvuga ubutumwa canke kuba umwungere, ariko mu kiringo gitoya agishinga amashengero. (Intumwa Paulo yagira hagati y’amezi atandatu n’imyaka itatu mu kibanza kimwe).

Intumwa ishobora cane igikorwa co gushinga amashengero no kuyakurikirana iyagumiza ku murongo w’Imana. Intumwa ni yo igena abashingantahe b’ishengero/abungere/abazezwashengero baragire imikuku yavye (raba Ivyak. 14:21-23; Tit. 1:5).

Intumwa z’Ukuri n’Izibinyoma (True and False Apostles)

Bisa nah’abakozi b’iki gihe, bifuza kuganza amashengero, bihutira kwamamaza kw’ari intumwa, ariko benshi bagira ingorane nyinshi. Abo ntaho bigeze bashinga ishengero (canke bashinze rimwe cank’abiri) kand’ata ngabire cank’ugusigwa kw’intumwa bafise, barondera abungere bahumirije bashobora kubemerera kugira ububasha ku mashengero yabo. Namba ur’umwungere, ntagahendwe n’izo ntumwa zikakisha, zinyotewe gutwara, kandi zibinyoma. Usanga ar’amabingira mu nsato z’intama. Kenshi usanga bironderera amafaranga. Ivyagezwe biratugabisha ku ntumwa z’ibinyoma (raba 2 Kor. 11:13; Ivyah. 2:2). Namba bakeneye kukubwira kw’ar’intumwa, vyerekana kw’atar’intumwa z’ukuri. Ivyamwa vyabo ni vyo bibatumenyesha.

Umwungere ahagarikiye ishengero ryiwe kandi akaguma irirongoye imyaka n’imyaka ntashobora kwitwa intumw. Abo bungere, kumbure, bashobora kwitwa “abungere bafise ugusigwa kw’intumwa” kukw’ari bo batanguye ayo mashengero yabo. Ariko, ntibashobora kwitwa intumwa kukw’intumwa zigenda zishinga amashengero.

“abamisiyoneri” barungitswe no gusigwa n’Imana, nkuko bitwa mur’iki gihe, bafise igikorwa co gushinga amashengero, bashobora kuja mu gitigiri c’intumwa. Ku rundi ruhande, abamisiyoneri bagenzwa no kwubaka amashule ya Bibiliya canke kwigisha abungere ntibashobora kwiyita intumwa ariko bitwa abigisha.

Igikorwa c’intumwa y’ukuri kirangwa n’ingabire yo gokora ibirangaza n’utwumiza, ari na vyo bikoresho bimufasha gushinga amashengero. Paulo yanditse ati:

Za ntumwa zihambaye cane nta co zindushije, naho nd’ubusa. N’ukuri ivyerekana intumwa vyakorewe hagati yanyu mu kwihangana kwose, ni vyo bimenyetso n’ibatangaza n’ibikorwa bikomeye (2 Kor. 12:11b-12).

Umuntu atagira ibimenyetso n’ibitangaza biherekeza igikorwa ciwe, ntashobora kwitwa intumwa. Biragaragara, intumwa nyazo ni nkeya cane, kandi ntibaba mu mashengero y’ibinyoma, ahumanye, yigisha ubutumwa bwo kubesha. Nkunda kubasanga mu bihugu vyo kw’isi bitazi ubutumwa bw’ukuri.

Urwego Rukuru rw’Intumwa (The High Rank of the Apostle)

Mw’Isezerano Rishasha turabona ingene amabango akurikirana, ibango ry’intumwa riza ubwa mbere, vyerekana kw’ar’umuhamagaro mukuru (raba Ef. 4:11; 1 Kor. 12:28).

Ntamuntu atangura igikorwa nk’intumwa. Mu bisanzwe umuntu ashobora kugira umuhamagaro w’intumwa, ariko ntatangurira mur’iryo bango. Ategerezwa kwerekana ubwizigirwa mu kiringo kanaka mu kuvuga ubutumwa no kwigisha, hanyuma, agashika aho ahagarara mu gikorwa Imana yamuhamagariye. Paulo yari yarahamagawe kuba intumwa kuva akiri mu nda ya nyina, ariko yagize imyaka mu gikorwa imbere yo kwinjira neza mur’uwo muhamagaro wiwe (raba Gal. 1:15-2:1). Yatanguye nk’umwigisha n’umuvugishwa n’Imana (raba Ivyak. 13:1-2), ni ho yashirwa ku ruhande atangura gukora nk’intumwa igihe yatumwa na Mpwemu Yera (raba Ivyak. 14:14).

Turabona havugwa izindi ntumwa ukuyemwo Paulo hamwe na zimwe cumi na zibiri mu vyakozwe n’intumwa 1:15-26; 14:14; Rom. 16:7; 2Kor. 8:23; Gal. 1:17-19; Fil. 2:25 and 1Tes. 1:1 with 2:6. (ijambo ryasobanuwe intumwa muri 2Kor. 8:23 na Fil. 2:25 ni ijambo ry’igiheburayo apostolos.) Ibi bikuraho inyigisho zivuga kw’ibango ry’intumwa ryahawe bamze cumi na babiri gusa.

Intumwa cumi na zibiri gusa, zitwa “intumwa z’umwagazi w’intama,” kand’izo cumi na zibiri gusa zizogira ikibanza ziharije igihe Yesu azoganza imyaka igihumbi (raba Mat. 19:28; Ivyah. 21:14). Ntidukeneye intumwa nka Petero, Yakobo na Yohana bakoreshejwe mu kwandika amajambo y’Imana, kuk’uguhishurirwa dusanga muri Bibiliya kurakwiye. Uyu musi, turacakeneye intumwa zishinga amashengero mu bubasha bwa Mpwemu Yera , nk’uko Paulo n’izindi ntumwa zabigize, nk’uko tubisanga mu vyakozwe n’intumwa.

Ibango ryo Kuvugishwa n’Imana (The Office of Prophet)

Umuvugishwa n’Imana n’umuntu ahabwa uguhishirwa kudasanzwe kand’avuga mu guhumekerwa n’Imana. Mu bisanzwe, akoreshwa cane mu ngabire yo gutanga ubuhanuzi hamwe n’ingabire zihishura: ijambo ry’ubwenge, ijambo ryo kumenya, no kurobanura impwemu.

Uwizera wese arashobora gukoreshwa mu ngabire yo gutanga ubuhanuzi nkuko Mpwemu avyishakiye, ariko ivyo ntibituma aba uwuvugishwa n’Imana. Uwuvugishwa n’Imana ni, ica mbere, umukozi ashobora gusigura no kwigisha mu gusigwa kwa Mpwemu. Kuk’uwuvugishwa n’Imana aboneka nk’ibango rikuru rya kabiri (raba urukurikirana nk’uko ruri muri 1 Kor. 12:28), n’umukozi akorera Imana umwanya wiwe wose ntashobora guharurwa mu bavugishwa n’Imana kiretse abaye mu gikorwa c’Imana igihe kitari gito. Igihe ahagaze mur’iryo bango, ahabwa ibikenewe muri mpwemu.

Abagabo babiri biswe intumwa mw’Isezerano Rishasha ni Yuda na Sila. Dusoma mu vyakozwe n’intumwa 15:32 ko bavugishwa n’Imana mw’ishengero ry’i Antiyokiya:

Kandi Yuda na Sila, abavugishwa n’Imana bemewe, bararemesha ishengero no kurikomeza mu majambo bavuga.

Akandi karorero k’umuvugishwa n’Imana wo mw’Isezerano Rishasha ni Agabo. Dusoma mu vyakozwe n’intumwa 11:27-28:

Mur’iyo misi, abavugishwa n’Imana bava i Yerusalemu baja muri Antiyokiya. Hava hasi umwe muri bo yitwa Agabo, abamenyesha avugishijwe na Mpwemu yukw’igoyi cinshi kizotera mw’isi yose. Ico yavuga ni kimwe ca tera ku ngomba ya Kilawudiyo.

Menya ko Agabo yahawe ijambo ry’ubwenge—har’ikintu co muri kazoza yahishuriwe. Kandi, Agabo ntiyarazi ibintu vyose bizoba muri kazoza, yamenye gusa ivyo Mpwemu Yera yashatse kumuhishurira.

Mu vyakozwe n’intumwa 21:10-11, har’akandi karorero k’ijambo ry’ubwenge ryaciye muri Agabo. Iri ryabwirwa umuntu umwe, Paulo:

Tugitevy’imisi myinshi, haza uwuvugishwa n’Imana yitwa Agabo yar’amanutse avuye i Yudaya. Aza aho turi, yabira umukanda wa Paulo, azibohesha amaguru n’amaboko, aravuga, “at’Uku ni ko Mpwemu Yera agize”: “Nyen’uyu mukanda, uku ni kw’Abayuda bazomubohera i Yerusalemu, bazomushira mu maboko y’abanyamahanga.’”

Mbega ivyanditswe biremerera umuntu wo mw’Isezerano Rishasha kurondera uwuvugishwa n’Imana ngw’amubwire ivy’Imana igomba? Oya. Impamvu ni uko Mpwemu Yera aba mu wizera wese akamurongora. Uwuvugishwa n’Imana ashobora kuza kwemeza gusa ivy’Imana imaze kumuyoboreramwo biciye mu mpwemu yiwe ubwiwe. Akarorero, igihe Agabo yavugishwa kuri Paulo, nti yamubwiye ivyo ategerezwa gukora, yemeje gusa ivyo Paulo yarasanzwe aza kuva kera.

Nk’uko nabivuze, Paulo yakorera mu ngabire y’uwugishwa n’Imana (n’umwigisha) imbere yo kwinjira mw’ibango ry’intumwa (raba Ivyak. 13:1). Tuziko Paulo yaronka uguhishurirwa kuva ku Mwami nkuko tubisanga muri Gal. 1:11-12, kandi yerekwa cane (raba Ivyak. 9:1-9; 18:9-10; 22:17-21; 23:11; 2Kor. 12:1-4).

Kimwe n’intumwa z’ukuri, nta bavugishwa b’Imana b’ukuri dusanga mu mashengero y’ibinyoma. Ishengero ry’ibinyoma rirashobora (kandi niko rikora) kwirukana uwuvugishwa n’Imana w’ukuri nka Sika, Yuda na Agabo. Impamvu n’ukw’abavugishwa n’Imana b’ukuri bategerezwa kuzana uguhishurirwa kw’ingene Imana yanka ukutumvira kwabo (nkuko Yohana yabikoze mu mashengero yo muri Asiya ntoya mu bice bibiri vy’ivyahishuriwe Yohana). Ishengero ry’ibinyoma ntirishobora kuvyemera.

Ibango ryo Kwigisha (The Office of Teacher)

Nk’ukw’urukurikirane ruri mu b’i Korinto ba 1ibice 12:28, ibango ryo kwigisha rigira gatatu nkuba nkuru. Umwigisha n’umuntu yasizwe amavuta adasanzwe ngo yigishe ijambo ry’Imana. Kubona umuntu yigisha Bibiliya ntisobanura kw’ar’umwigisha w’Isezerano Rishasha. Benshi barigisha kuko babikunda canke babitegetswe, arikw’umuntu yahamagariwe kuba umwigisha agira ububasha budasanzwe bwo kwigisha. Yama ahishurirwa amajambo y’Imana kandi akigisha mu buryo bwumvikana kandi butuma abantu bashira mu ngiro ivyo bigishijwe.

Apolo ni akarorero k’umwigisha w’Isezerano. Paulo yaragereranije igikorwa ciwe c’intumwa n’igikorwa co kwigisha ca Apolo mu b’i Korinto ba 1:

Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw’Imana niyo yazikujije….Nashizeh’itanguriro, nk’umwubakisha mukuru w’ubwenge, uwundi yubakako (1 Kor. 3:6, 10b, dushimikiye ku nsobanuro).

Apolo nk’umwigisha ntiyakoze igikorwa co gutera imbuto canke gushirah’itanguriro. Ariko, yavomeye izo mbuto n’ijambo ry’Imana kandi yubaka kw’itanguriro rimaze gushirwako.

Apolo yongera kuvugwa mu vyakozwe n’intumwa 18:27:

[Apolo] agomvye kujabuka ngw’aje muri Akaya, bene Data baramuremesha, bandikira abigishwa ngo bamwakire. Na we ashitseyo, ubuntu bw’Imana bumutera gufasha cane abizeye; kuko yatururuza Abayuda abatsindira imbere ya bantu, yerekana mu vyanditswe yuko Yesu ari we Kristo.

Menya ko Apolo “yafashije cane” abantu bari bamaze kuba abigishwa kand’igikorwa ciwe carimwo “ubuntu bw’Imana.” Inyigisho zirimwo gusigwa zigira ubuntu bw’Imana.

Kw’ishengero, igikorwa co kwigisha gisumba gukora ibitanfaza cank’ingabire yo gukiza indwara. Ni co gituma ico gikorwa cashizwe imbere y’ingabire zo gukiza indwara no gukora ibitangaza. Nk’uko tubisanga mu b’i Korinto ba 1ibice 12:28:

Kandi Imana yabanje gushira mw’ishengero bamwe kuba intumwa, maz’abakabiri ibashiraho kuba abavugishwa na yo, maz’abagatatu, ibashiraho kuba abigisha, maz’ishirah’ abakora ibitangaza, maz’ishirahw’ abahawe ingabiro zo gukiza indwara (dushimikiye ku nsoburo).

Ariko rero, usanga abizera bitaho kubona ibitanga kuruta kwumviriza ijambo ry’Imana rizotuma bama ivyamwa n’ukwera mu bugingo bwabo.

Bibiliya iravuga ku nyigisho n’insiguro. Kwigisha bifise urutonde rwo gukurikiza kandi bigereranywa no gutoza umuntu indero, ariko gusigura bitumira abantu kuvyuka no kugira ishaka. Abavugabiutumwa barasigura. Abigisha n’abungere kenshi usanga bigisha. Intumwa zirasigura kandi zikigisha. Birababaje kubona har’abizera batah’agaciro igikorwa co kwigisha. Abandi biyumvirakw’abavuga n’ijwi rirenga no kwisonzesha cane mu gusigura ari bo bafise amavuta menshi! Ariko siko bimeze.

Yesu ni we karorero keza k’umwigisha yavugutiwe. Kwigisha ni vyo vyaranga cane igikorwa ciwe gushikah’abantu benshi bamwita “Mwigisha” (Mat. 8:19; Mariko 5:35; Yohana 11:28).

Kumenya ku vyerekeye abigisha n’inyigisho, raba ivyakozwe n’intumwa 2:42; 5:21, 25, 28, 42; 11:22-26; 13:1; 15:35; 18:11; 20:18-20; 28:30-31; Rom. 12:6-7; 1Kor. 4:17; Gal. 6:6; Kol. 1:28; 1Tim. 4:11-16; 5:17; 6:2; 2 Tim. 1:11; 2:2 na Yak. 3:1. Ico canditswe ca nyuma kitubwira kw’abigisha bacirwa imanza zikomeye, ni co gituma bategerezwa kwirinda cane igihe bigisha. Bategerezwa kwigisha ijambo ry’Imana gusa.

Ibango ry’Umuvugabutumwa (The Office of Evangelist)

Umuvugabutumwa n’umuntu yasizwe amavuta yo kwamamaza ubutumwa bwiza. Ubutumwa bwiwe butegerezwa gutuma abantu bihana no kwizera Umwami Yesu Kristo. Baherekezwa n’ibitangaza bituma abatizera bitaho ubutumwa bwiwe no kubwemera.

Harihw’abavugabutumwa benshi mw’ishengero, arik’umugabo umwe gusa niwe avugwa nk’umuvugabutumwa mu vyakozwe n’intumwa. Izina ryiwe ni Filipo: “bukeye bwaho tuvayo, dushika i Kayisariya, twinjira mu nzu ya Filipo umuvuzi w’ubutumwa bwiza, n’umwe muri ba bandi ndwi, twaka indaro i we” (Ivyak. 21:8, honngeweko insobanuro).

Filipo yatanguye igikorwa ciwe nk’umukozi (cank’”umudiyakoni”) yagabura ivyo ku meza (raba Ivyak. 6:1-6). Arikw’igihe c’ihamwa ry’ishengero n’igihe Stefano yagandagurwa ni ho Filipo yinjizwa mu gikorwa c’umuvugabutumwa. Yavuze ubutumwa bwiwe bwa mbere i Samariya:

Na Filipo aramanuka, aja mu gisagara c’i Samariya, abamenyesha ivya Kristo. Abantu benshi bashira umutima ku vyo Filipo yavuga bashize hamwe, bumvise kandi babonye ibimenyetso akora. Kuko benshi muri bo baribinjiwemwo n’impwemu zihumanye zabavamwo, ziboroga n’amajwi arenga; kandi n’abari bamugaye n’abacumbagira benshi barakizwa. Haba umunezero mwinshi mur’ico gisagara (Ivyak. 8:5-8).

Menya ko Filipo yar’afise iganuke rimwe—Kristo. Intumbero yiwe yar’ukugira abigishwa, bisigura, abigishwa bumvira kandi bakurikira Kristo. Yamamaje Kristo akora ibitangaza, Umwana w’Imana, Umwami, Umukiza, n’Umucamanza agiye kuza. Ahanurira abantu kwihana no gukurikira Umwami wiwe.

Menya kandi ko Filipo yakora ibimenyetso n’utwumiza vyashingira intahe ubutumwa bwiwe. Uwufise igikorwa co kuvuga ubutumwa asigwa amavuta yo kukiza indwara no gukora ibitangaza. Ishengero ry’ibinyoma rifise abavuga ubutumwa bw’ibinyoma. Izi yuzuyemw’abo bavuga ubutumwa bw’ibinyoma, ni co gituma Imana itashingira intahe ubutumwa bavuga n’ibitangaza. Imvo nya kuri n’uko batavuga ubutumwa bw’Imana. Ntibavuga Kristo. Bakunda kwigisha ku mitwaro y’abantu n’ingene Imana izobaha ubugingo busagutse, canke bakavuga ku gakiza kidatanguriye mu kwihana. Binjiza abantu mu vyizerwa bidashobora kubakura mu buja bwa Satani. Ingaruka y’ubutumwa bavuga usanga abantu badashobora kuvuka ubwa kabiri, kuko batabona ico tuma barondera ivyo biyumvira ko bamaze kuronka. Abo bantu bariko bafasha Satani kwagura ubwami bwiwe.

Igikorwa co kuvuga ubutumwa nticashinzwe mu ngabire ziri mu b’i Korinto ba 1 ibice 12:28 nkuko biri mu Banyefeso 4:11. Mbona yukw’”ibitangaza n’ingabire zo gukiza indwara” zijana n’igikorwa c’umuvugabutumwa, kandi bishigikira igikorwa c’umuvugabutumwa wese.

Abantu bagendagenda bava mw’ishengero baja murindi n’aho biyita abavugabutumwa si bo kuko babubwira abamaze kuba abakristo, kandi nta bitangaza canke gukiza indwara bafise. (bamwe baribeshera ngo barafise izo ngabire, ariko bahanda impumyi gusa. Igitangaza bakora ni gusunika abantu gushika baguye hasi.) Abo bakozi bagendagenda mu mashengero twobita abigisha canke abahanuzi( raba Rom. 12:8), ariko nta bango ry’abavu- gabutumwa bafise. Birashoboka, hamwe n’ivyo, kw’Imana itanguza umuntu mur’ico gikorwa co guhanura canke gusigura hakagera igihe imishira mw’ibango ryo kubuvuga.

Ushaka kumenya ivyerekeye ibango ry’umuvugabutumwa, soma Ivyak. 8:4-40, inkuru y’ibango rya Filipo. Menya ingene amabango akorera hamwe (raba cane cane imirongo ya 14-25) n’ingene Filipo atavuze ubutumwa gusa ariko yarongowe n’Imana kuva ku muntu aja ku wundi (raba Ivyak. 8:25-39).

Abavugabutumwa bategerezwa kubatiza abo babwiye ubutumwa, ariko ntitegetswe gusengera abizera ngo babatize muri Mpwemu Yera. Ico ni gikorwa c’intumwa cank’abungere/abashingantahe b’ishengero/abazezwashengero.

Ibango ry’Umwengere (The Office of Pastor)

Mu bice bibiri biheruka, nagereranije ibango ry’umwungere n’umwungere tumenyereye kubona. Ariko haracarih’ibintu vyinshi twovuga kw’ibango ry’umwungere.

Kugira ngo dutahure neza ic’ivyanditswe bivuga kw’ibango ry’umwungere, dukwiriye gutahura amajambo ngenderwako atatu ati mu Kigiriki (1) poimen, (2) presbuteros na (3) episkopos. Asobanurwa (1) umwungere canke pasitori, (2) umukuru w’ishengero, n’ (3) muzezwa shengero canke pasitori mukuru.

Ijambo poimen ryanditswe incuro cumi n’umunani mw’Isezerano Rishasha kandi ryasobanuwe umwungere incuro ndwi na pasitori rimwe gusa muri Bibiliya y’icongereza kenshi cane risobanurwa umwungere.

Ijambo ry’Ikigiriki presbuteros ryanditswe incuro mirongitandatu na zitandatu mw’Isezerano Rishasha. Incuro mirongitandatu muri zo ryasobanuwe umusshingantahe w’ishengero cank’ umukuru w’ishengero.

Hanyuma, ijambo ry’Ikigiriki episkopos ryanditswe incuro zitanu mw’Isezerano Rishasha, kandi ryasobanuwe umuzezwashengero incuro zine muri zo. Insobanuro y’icongereza yitwa The King James Version irisobanura umwungere mukuru rimwe gusa.

Ayo majambo atatu avuga ku gikorwa kimwe mw’ishengero, kandi akoreshwa nk’ijambo rimwe. Aho intumwa Paulo yashinga ishengero, yasigaho abakuru b’ishengero (presbuteros) abasigira kurongora ishengero (raba Ivyak. 14:23, Tit. 1:5). Bakora nk’abazezwashengero (episkopos) n’abungere (poimaino) b’imikuku. akarorero, mu vyakozwe n’intumwa 20:17 havuga ngo:

Ar’i Mileto atuma muri Efeso, atumakw’abakuru b’ishengero [presbuteros] (dushimikiye ku nsobanuro).

Mbega Paulo yabwiy’iki abo bakuru b’ishengero?

Mwirinde ubwanyu, muzigamw n’ubusho bwose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzezwa[episkopos], kugira ngo muragire [poimaino] ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yiwe (Ivyak. 20:28, dushimikiye ku nsobanuro).

Wabonye ingene ayo majambo atatu akoreshwa nk’ijambo rimwe mu Kigiriki. S’amabango atatu atandukanye. Paulo yabwiye abakuru b’ishengero yukw’ arabazezwashengero kandi ko bategerezwa gukora nk’ abungere.

Petero yanditse mu cete ciwe ati:

Abashingantahe b’ishengero [poimaino] bo muri mwebwe ndabahanura, kuko nanje nd’umushingantahe mugenzi wanyu, kandi nd’icabona c’imibabaro ya Kristo yababajwe, kandi mfatanije na mwe ubwiza busohishurwa. Muragire ubusho bw’Imana bwo muri mwebwe, mutaburagira nk’abagoberewe, ariko mubikunze, nk’ukw’Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko mu buragire mushize igikonyo. Kandi ntimuragire nk’abatwaza amanyama amasho mwagabanganirijwe, ariko mube ivyitegerezo vy’ubusho. N’uko umwungere mukuru niyerekanwa, muzokwambikwa mu mutwe igitsibo c’ubwiza kitazoshira (1 Pet. 5:1-4, dushimikiye ku nsobanuro).

Petero yabwiye abashingantahe b’ishengero ko baragira amasho yabo. Irivuga rikoreshejwe ngaha umwungere ryasobanuwe (mw’izina ry’icongereza) pasitori muri Efeso 4:11:

Kandi [Yesu] yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bwiza, abandi kuba abungere (cank’ abapasitori) n’abigisha (dushimikiye ku nsobanuro).

Ibi ni vyo bituma twizera kw’abakuru b’ishengero n’abungere ari co kimwe.

Paulo yakoresheje amajambo abakuru b’ishengero (presbuteros) n’ abazezwashengero (episkopos) nk’ijambo rimwe muri Tito 1:5-7:

Icatumwe ngusiga i Kirete kw’ar’ukugira utunganye ivyasigaye, kandi mu gisagara caho cose ng’ushinge abakuru b’ishengero….kuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’umugayo (dushimikiye ku nsobanuro).

Rero ntibishobora kwumvikana uvuze kw’ibango ry’umwungere, umukuru w’ishengero, n’umuzezwashengero ari amabango atandukanye. Ibintu vyose vyandikiwe abazezwashengero n’abakuru b’ishengero yega n’abanungere.

Kurongora Ishengero (Church Governance)

Biragaragara igihe twisunga imirongo twasomye kw’igikorwa co kurongora ishengero cahawe abakuru b’ishengero/abungere/abazezwashengero, kandi barahawe ububasha bwo kurihagarikira. Mu bisanzwe, abakuru b’ishengero/abungere/abazezwashengero ni bo bajejwe ishengero, abanyeshengero bategerezwa kubumvira:

Mwumvire ababaganza, mubagamburukire: kukw’ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk’abazoyibazwa, mugenze gurtyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze birtyo ataco vyo marira mwebwe (Heb. 13:17).

Ni vyo, nta mukristo yokwumvira umwungere atumvira Imana ubwiwe, ariko yo menya kw’ata mwungere yera nk’umumarayika.

Abungere/abakuru b’ishengero/abazezwashengero bafise ububasha ku mashengero ya bo nka Se rugo mu muryango:

N’ukumuzezwashengero [umwungere/umukuru w’ishengero] akwiye kutabak’umugayo….Aganza neza abo mu rugo rwiwe, abana biwe bamwumvira, yanka umugayo wose (Uwutazi kuganza abo mu rugo rwiwe yoshobora ate kuzigama ishengero ry’Imana?) (1 Tim. 3:2-5, dushimikiye ku nsobanuro).

Paulo ashishikara avuga ati,

Abakuru b’ishengero [abungere/abazezwashengero] baganza neza ni babiyumvire ko bakwiye guhabwa icubahiro kirushiriza, kandi cane-cane abacumukura mu kuvuga ijambo ry’Imana no mu kwigisha (1 Tim. 5:17, dushimikiye ku nsobanuro).

Nta nkeka, abakuru b’ishengero bararongora ishengero.

Abakuru b’Ishengero Tudasanga mu Vyanditse (Unscriptural Elders)

Amashengero menshi yibaza kw’integuro yo kurongora ishengero zemewe na Bibiliya kuko bafise akarwi k’abashingantahe b’ishengero babarongora, arikw’ingorane n’uko uko bavyiyumvira atariko bimeze. Usanga abakuru b’ishengero bakurakuranwa mw’ishengero. Bavugwa nk’ “Inama Nkuru y’Abashingantahe b’ishengero.” Ariko ntibasa n’ivyo Bibiliya ivuga. Igihe twihweza ivyo Paulo yategetse abashaka kuba abakuru b’ishengero, bica bitahurika neza. Paulo yanditsekw’abakuru b’ishengero bafise ikibanza co kwigisha/gusigura no kurongora ishengero (raba 1Tim. 3:4-5; 5:17-18; Tit. 1:9). Bake cane , mu bafise ico kibanza c’”inama nkuru y’ishengero” ni bo bakwije ivyo bisabwa. Ntibahembwa; nta butumwa bashobora kuvuga canke ngo bigishe; ntibakorera ishengero umwanya wabo wose; kandi ni gake cane usanga bashobora kurongora ishengero.

Uburongozi bw’amashengero butisunga ijambo ry’Imana burashobora kuba soko ry’ibibazo bidahera mu mashengero kuruta ibindi vyose. Igihe ishengero rirongorwa n’abantu batabikwiriye, ibibazo ntibishobora kubura. Birashobora gutuma haba imivurungano, kuzazanirwa no gutembagaza ishengero. Uburungozi butisunga ijambo ry’Imana busasira indava Satani.

Ndazi ko nandikira abungere b’amashengero afise urutonde ntayegayezwa hamwe n’amashengero yo mu nzu. Amwe mu mashengero y’intonde ntayegayezwa ashobora kuba afise abakuru inama nkuru y’ishengero itemewe na Bibiliya ah’abo bakuru b’ishengero batorwa n’abanyashengero. Izo ntonde ntizishobora guhinduka hatarinze kuba intambara.

Impanuro mpa abungere bari mur’ayo mashengero n’ukwemera iryo hinduka no kwihanganira intambata z’akanya gato zitegerezwa gukurikira iryo hinduka, igihe banse guhindura har’intambara nyinshi muri kazoza ziterwa n’izo ntonde ntayegayezwa kandi zizosenyura ishengero. Canke batanguze amashengero mashasha bace bayashiramwo uburongozi ivyanditswe vyemera.

N’aho bibabaza, muri kazoza azokwama ivyamwa vyinshi mu bwami bw’Imana. Igihe abarongozi b’ishengero ar’abigishwa beza ba Kristo, umwangere aba afise ibakwe ryo kubereka ivyanditswe no kubabwira bahindure imitegekere nk’ukw’ivyanditswe bivuga.

Ubwinshi bw’Abakuru b’Ishengero (The Plurality of Elders?)

Benshi bakunda kuvuga kw’izina abakuru b’ishengero ryama riri mu bwinshi, bigatuma buvuga ko bitemewe kugira umukuru w’ishengero/ umwungere/umuzezwashengero umwe gusa aragira ubusho. Jewe sindabishigikira cane. Bibiliya yerekana yuko, mu bisagara bimwe bimwe, ishengero ryarongorwa n’abakuru b’ishengero benshi, ariko ntidushobora kwemeza kw’abo bakuru b’ishengero bose barongora ishengero rimwe. Akarorero, igihe Paulo yakoranya abakuru b’ishengero muri Efeso (raba Ivyak. 20:17),bigaragarakw’abo bakuru b’ishengero bava mu gisagara kirimwo ibihumbi cank’amajana y’ibihumbi (raba Ivyak.19:19). Rero har’imikuku mwinshi muri Efeso, umukuru w’ishengero wese akaragira nk’ishengero rimwe ryo mu nzu.

Nta na hamwe Imana yahamagaye inama y’abakuru b’ishengero barongore ishengero. Igihe yagomba gukura Isirayeli muri Egiputa, yahamagaye umuntu umwe rudende, Mose, abasigaye bose barongorwa na we, nka we nyene, umwe wese y’ar’afise umurwi mutoya arongora. Ivyo tubisanga ahantu hensi mu vyanditswe. Igihe Imana ifise ic’igomba gukora, ihamagara umuntu umwe gukora, maze igahamagara abandi bamufasha.

Rero ntivyumvikana kw’Imana ishobora guhamagara inama cank’umurwi w’abantu unganya ubushobozi ng’urongore ishengero ritoya ryo mu nzu. Zoba ar’intambara.

Ntibisigurakw’ishengero ryose ryo mu nzu ritegerezwa kurongorwa n’umukuru w’ishengero umwe gusa. Ahubwo, bisigurakw’igihe har’abakuru b’ishengero benshi mw’ishengero rimwe, uwukiri muto mu mpwemu ategerezwa kwumvira uwumaze gukura mu mpwemu. Ivyanditswe vyerekana kw’atari amashule ya Bibiliya, ahubw’ishengero ni ryo rimenyereza no kwigisha abakuru b’ishengero/abungere/abazezwashengero bakiri bato mu mpwemu, ni co gituma hakenerwa abakuru b’ishengero/abungere/abazezwashengero benshi no mw’ishengero ryo mu nzu, igihe abakiri bato mu kwizera bafashwa n’abamaze gukura mu kwizera.

No mu mashengero arongorwa n’abakuru b’ishengero bitwako “bangana”. Habaho umwe abandi bose bisunga. Cank’umwe ni we akora igikorwa cose abandi barorera. Cank’ugasanga barangwa no gucanamwo. Bisigurako n’imirwi ihitamwo uwuyiserukira. Igihe umurwi ugizwe n’abanganya intambuko naho bahitamwo umurongozi umwe. Ni ko bimeze no mw’ishengero.

Vyongeye, igikorwa c’abakuru b’ishengero kigereranywa n’igikorwa ca Se rugo nk’uko Paulo yavuze muri 1Timoteyo 3:4-5. Abakuru b’ishengero bategerezwa kuganza neza ingo zabo, ahandi ho ntibashobora kurongora ishengero. Iyumvire ingene urugo rumwe rwoba igihe rurongowe na ba Se rugo babiri? Ntihoburamwo intambara.

Abakuru b’ishengero/abungere/abazezwashengero bategerezwa kugira abandi babafasha kugirango hagize ingorane nti habure uwundi aramira igikorwa. Paulo yigeze kwandika ku nama cank’”umurwi w’abakozi” (raba 1Tim. 4:14), warugizwe na presbuteros (abakuru b’ishengero) hamwe n’abandi bakozi bafise ingabire. Igihe ar’intumwa, nayo nyene irashobora kuramira canke gufasha ishengero igihe umukuru w’ishengero afashe inzira y’ubuzimire. Igihe abungere b’amashengero afise imitegekere itemewe n’ivyanditswe bayovye, ishengero rirasambuka kubera imitegekere yaryo. Har’inyubako n’imitegekere bidashobora guhinduka. Arikw’amashengero yo mu nzu ashobora kugaburwamw’imice ija kwifatanya n’abandi bahagaze neza igihe umwungere ayovye.

Ubushobozi bwo Gukora (Authority to Serve)

Kukw’Imana iha umwungere ubushobozi n’ubwenge bwo kurongora ishengero ryiwe, ntibisigurakw’ashobora kuricunaguza. Ntashobora kuba Umwami waryo—ni Yesu gusa. S’imikuku yiwe—ni imikuku y’Imana.

Muragire ubusho bw’Imana bwo muri mwebwe, mutaburagira nk’abagoberwa, ariko mubikunze, nk’ukw’Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko mubiragire mushize igikonyo. Kandi ntimuragire nk’abatwaza amanyama amasho mwagabanganirijwe, ariko mube ivyitegerezo vy’ubusho.n’uk’Umwungere mukuru ni yerekanwa, muzokwambikwa mu mitwe igitsibo c’ubwiza kitazoshira (1 Pet. 5:2-4, dushimikiye ku nsobanuro).

Umwungere wese azovuga ico yakoze umusi umwe imbere y’intebe ya Kristo.

Vyongeye, kubiraba amafaranga, umwungere/amukuru w’ishengero/umuzezwashengero ntakwiriye kuvyigungana. Har’amafaranga atozwa bakoranye canke rimwe rimwe, abandi barashobora kubizezwa kugirango ntihagire ukwikekana kandi amafaranga ntakoreshwe nabi (raba 2Kor. 8: 18-23). Hategerezwa kuba umurwi watorewe ico nyene.

Guhemba Abakuru b’ishengero (Paying Elders)

Ivyanditswe vyerekana neza kw’abakuru b’ishengero/abungere/abazezwashengero bakorera Imana gusa, bategerezwa guhembwa n’ishengero. Paulo yanditse ngo,

Abakuru b’ishengero baganza neza ni babiyumvireko bakwiriye guhabwa icubahiro kirushiriza, kandi cane-cane abacumukura mu kuvuga ijambo ry’Imana no mu kwigisha. Kukw’icanditswe kivuga, “ngo Ntimuze murumye umunwa w’inka irikw’irasekura ingano,” kandi “ng’Umukozi akwiye ingero yiwe” (1 Tim. 5:17-18).

Birumvikana—Paulo yakoresheje ijambo ingero. Ijambo ryiwe ryo guha icubahiro kirushiriza abakuru b’ishengero baganza neza gitahurika neza igihe turavye iyindi mirongo. Umurongo witangira uyo, Paulo yandika igikorwa c’ishengero co gufasha abapfakazi kuko harihw’abatabitaho, kand’akurikiza ijambo nk’iryo nyene ati: “Wubahe abapfakazi b’inyakamwe vy’ukuri” (raba 1 Tim. 5:3-16). Ngaha rero, ‘kwubaha’ bisigura gushigikira n’amafaranga. Abakuru b’ishengero baganza neza ni babiyumvire ko bakwiye icubahiro kirushirije, guhabwa incuro zibiri ibihabwa abapfakazi canke birenze igihe bafise abana bareze.

Amashengero y’imikorere ntayegayezwa yo kw’isi yose arahemba abungere bayo (no mu bihugu bikene), arikw’amashengero menshi yo mu nzu, cane-cane mu bihugu vya buraya, nta gahembo atanga. Ndazi kw’abantu b’i buraya benshi banjira mu mashengero yo mu nzu kukw’ar’abagarariji mu mitima, kandi baronse ishengero kw’isi ridasaba ibintu vyinshi. Bavugako binjiye mu mashengero yo mu nzu kuko bahunze ubuja bw’iyo bavuye, ariko usanga bahunze ukwifatanya na Kristo mu rwego rwo hejuru. Baronse amashengero atabwira abantu gutanga amafaranga, amashengero usanga unyuranya n’ivyo Kristo yabwiye abigishwa biwe. Abafise imana yitwa amafaranga kandi bavyerekanisha ukwirundaniriza ubutunzi kw’isi hako babubika mw’ijuru s’abigishwa ba Kristo vy’ukuri (raba Mat. 6:19-24; Luka 14:33). Igihe ubukristo budahindura ingene ukoresha amafaranga, ntibushobora kwitwa ubukristo na gato.

Amashengero yo mu nzu avugako yisunga ivyanditswe ategerezwa gufasha abungereye bayo, no gufasha abapfakazi hamwe no gushigikira ivugabutumwa. Mugutanga amafaranga akora ivyo, ni ho bazotandukana n’ayandi mashengero, kuko batariha canke ngo basanure inyubako kandi nta bakozi benshi bahemba. Bisaba kw’abantu cumi gusa batanga ibigiracumi bishigikira umwungere. Bandi cumi batanga 20% barashobora guha igice kimwe umwungere n’ikindi gice kikabafasha gushigikira ivugabutumwa.

Abungere bakora Iki ? (What do Pastors do?)

Wobaza umunyashengero wese uti, “Iki ni gikorwa ca nde?”

Ni nde ategerezwa kubwira abatizera ubutumwa bwiza? Ni nde ategerezwa kwera cane? Canke gusenga? Guhanura, kuremesha no gufasha abandi bizera? Kugendera abarwayi? Kurambika ibiganza no gukiza indwara? Kwikorera imitwaro y’abandi? Gukorera abandi? Kwiyanka, kwihebera ubwami bw’Imana? Kugira no kubatiza abigishwa, no kubigisha kwitondera amabwirizwa ya Kristo?

Abanyashengero benshi, ata gukekeranya, bokwishura, “ngw’ivyo bikorwa ni vya mwungere.” Ni vyo?

Nk’ukw’ivyanditswe bivuga, uwizera wese ategerezwa kuvuga ubutumwa bwiza:

Ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw’ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebwe, ariko muri n’uburwaneza, mutinya (1 Pet. 3:15).

Uwizera wese ategerezwa kugendera mu kwera:

Ariko nk’uk’iyabahamgaye ar’iyera, namwe abe ari ko abera mu ngeso zanyu. Kuko vyanditswe, “ngo Mube abera, kuko nanje nd’uwera” (1Pet. 1:15-16)

Uwizera wese ategerezwa gusenga:

Munezerwe imisi yose; musenge ubudasiba (1 Tes. 5:16-17).

Uwizera wese ategerezwa guhanura, kuremesha no gufasha abandi bizera:

Kandi turabahanura, bene Data, muhubure abasaragurika, muremeshe abarandutse imitima, muramire abanyantege nke, mwihanganire bose(1Tes. 5:14, dushimikiye ku nsobanuro).

Uwizera wese ategerezwa kuraba abarwayi:

Nagenda gusa, muranyambika; nari ndwaye, muza kuraba uko mmeze; nari mw’ibohero, muza kundaba (Mat. 25:36).

Ibindi Bikorwa Ajejwe (More Responsibilities)

Ariko ntibigarukira ngaha. Uwizera wese ashobora kurambik’ibiganza ku murwayi agakira:

Kand’ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera n’ibi: bazosenda abadayimoni mw’izina ryanje; bazovuga indimi nsha; bazofata inzoka; ni banywa ikintu cica, ntaco kizobagira na gatoya; bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire (Mariko 16:17-18, dushimikiye ku nsobanuro).

Uwizera wese ategerezwa kwikorera imitwaro y’abandi bizera:

Mwakirane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo (Gal. 6:2).

Uwizera wese ategerezwa gukoresha ingabire yiwe mu kwubaka abandi:

Nuko dufise ingabire zitandukana, nk’uk’ubuntu twahawe butandukana: namba twarahawe kuvugishwa n’Imana, tuvugishwe na yo uk’ukwizera kwacu kungana; canke namba twarahawe igikorwa co mw’ishengero, tugishishikare, cank’uwigisha ashishikarire kwigisha; cank’uwuhanura ashishikarire guhanura; uwugira ubuntu, abugire ata kinubwe; uwuganza aganzanye umwete; uwugira imbabazi, azigire anezerewe (Rom. 12:6-8).

Uwizera wese ategerezwa kwiyanka, no kwihebera ubutumwa bwiza:

Ahamagara ishengero bo n’abigishwa biwe, arababwira, “At’umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire. Kuk’ugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, arik’uwuzoheba ubugingo bwiwe kubwanje no kubw’ubutumwa bwiza, azobukiza” (Mariko 8:34-35, hongeweko insobanuro).

Kand’uwizera wese ategerezwa kugira no kubatiza abigishwa, akabigisha kwitondera amabwirizwa ya Kristo:

Nuk’uwuzorenga ibwirizwa na rimwe ryo mu yoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abantu ngo bagire bartyo, mu bwami bwo mw’ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Arik’uwuyitondera, akayigisha, uyo we azokwitwa mukuru mu bwami bwo mw’ijuru (Mat. 5:19, dushimikiye ku nsobanuro).

Naho mwari mugeze kuba abigisha, kuko mumaze igihe kirekire mwiga, mukwiyo kwongera kwigishwa namwe nyene ivya mbere vy’itanguriro ry’ivyavuzwe n’Imana: kandi mwahindutse abakwiye gutungwa n’amata, s’ukugaburirwa ivyo kurya bigumye (Heb. 5:12, dushimikiye ku nsobanuro).

Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mu babatiza mw’izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi (Mat. 28:19-20, dushimikiye ku nsobanuro).

[2]

 

Aya mabanga yahawe uwizera wese, arikw’abanyeshengero benshi bivugirako yahawe abungere gusa! N’abungere bo ubwabo biyumvirakw’ayo mabanga yahawe bo gusa.

None Abungere Bategerezwa Gukora Iki? (So What are Pastors Supposed to do?)

Namba ayo mabanga yahawe uwizera wese, none abungere bokara iki? Biroroshe, bahamagariwe gutunganya abera bakore ivyo bintu (raba Efe. 4:11-12). Bategerezwa kwigisha abizera kwumvira ivyo Kristo yabageze (raba Mat. 28:19-20) mu mvugo no mu ngiro (rab 1 Tim. 3:2; 4:12-13; 5:17; 2 Tim. 2:2; 3:16-4:4; 1Pet. 5:1-4).

Ivyanditswe ntibishobora kubisobanura kurusha ngaho. Igikorwa c’umwungere s’ugukoranya abantu benshi bashoboka mu makoraniro yo ku wamungu mu gitondo. Ni “gushikiriza umuntu wese atunganye muri Kristo” (Kol. 1:28). Abungere ba Bibiliya ntibadigadiga abantu (raba 2 Tim. 4:3); barigisha, bakamenyereza, bagahanura, bararemesha, barahubura, barahana no gukankamira, nk’uko biri mw’ijambo ry’Imana (raba 2Tim. 3:16-4:4).

Paulo yaravuze ibisabwa uwuri mw’ibango ry’umwungere mu cete ciwe ca mbere yandikiye Timoteyo. Cumi na bine kuri cumi na bitano bivuga ku ngeso, vyerekanakw’akarorero ubuzima bwiwe butanga ari ngirakamaro cane:

Iri jambo n’iryo kwizerwa: umuntu ni yagomba kuzezwa ishengero, aba yifuje igikorwa ciza. N’uk’umuzezwashengero akwiye kutabak’umugayo, kand’akwiye kuba umugabo afise umugore umwe gusa; abe utarenza urugero, adahugumba, aganza ingeso ziwe, akunda gutanga indaro, afise ubwenge bwo kwigisha, atar’umunoho wa vino, cank’umusinzi, arikw’abe umurwaneza, atitoraguza, atar’inkunzi y’amahera, aganza neza abo mu rugo rwiwe, abana biwe bamwumvira, yanka umugayo wose. (Uwutazi kuganza abo mu rugo rwiwe yoshobora ate kuzigama ishengero ry’Imana?) Kandi ntakwiye kuba muto mu kwizera, kugira ngo ntiyikakishe ngw’atembe, agazirwakw’iteka wa Murwanizi yaciriweko. Kand’akwiye gushingirwa intahe neza n’abo hanze, kugira ngo ntatembere mu mugayo no mu mutego wa wa Murwanizi (1 Tim. 3:1-7).

Tugereranije ibi bisabwa n’ivy’amashengero menshi asaba igihe arondera umwungere mushasha dusanga amashengero menshi afise ingorane. Barondera umukozi atunganya ibikorwa/umuyobozi/uwize ivy’ubwenge/uwurongora ibikorwa/uwuzi gutangisha amahera/uwukundwa na bose/inka ya kurimisha. Barondera umuntu “ashobora guteza imbere ishengero ryabo.” Umuzezwashengero wo muri Bibiliya, ategerezwa kub’umuntu w’ingeso nziza kandi yahisemwo Kristo, umukozi w’ukuri, kukw’intumbero yiwe ar’ukwivyara. Ategerezwa gushika aho abwira amasho yiwe, ati “Munyigane, nk’uko nanje nigana Kristo” (1 Kor. 11:1).

Ushaka kwiga cane ku bango ry’umwungere, raba Ivyak. 20:28-31; 1 Tim. 5:17-20; na Tit. 1:5-9.

Igikorwa c’Umudiyakoni (The Office of Deacon)

Mu kurangiza, reka mvuge ku badiyakoni. Igikorwa c’ubudiyakoni ni rudende mw’ishengero, kandi ntikiri muri ya mabango atanu. Abadiyakoni ntibarongora ishengero nk’abakuru b’ishengero. Mu kigiriki ijambo ryasobanuwe umudiyakoni ni diakonos, risigura “umukozi.”

Ba bagabo ndwi bashiriweho igikorwa co kugaburira abapfakazi mw’ishengero ry’i Yerusalemu ni bo badiyakoni ba mbere (raba Ivyak. 6:1-6). Batowe n’ishengero maze basengerwa n’intumwa. Babiri muri bo, Filipo na Stefano, bahavuye bashirwa n’Imana mw’ibango ryo kuvuga ubutumwa.

Abadiyakoni tubasanga no muri 1 Timothy 3:8-13 n’Ab’i Filipi 1:1. Iki gikorwa gishobora gukorwa n’umugabo cank’umugore (raba 1 Tim. 3:11).

 


[1]

N’ubundi buryo bwo kuvuga, “Kugira abigishwa ba Yesu Kristo.”

[2]

Nimba abigishwa ba Yesu bategerezwa kwigisha abigishwa babo kwumvira ivyo Kristo yabageze, na bo bategerezwa kwigisha abigishwa babo kugira abigishwa no, kubabatiza no kubigisha ivyo Kristo yategetse. Rero kugira abigishwa, kubatiza no kwigisha abigishwa car’icagezwe gihoraho umwigisha wese ategerezwa kwubaha.

To subscribe to David Servant's periodic e-teachings, click here.


Kirundi » Amabango (The Ministry Gifts)

Ukuri Dusanga Muri-Kristo (In-Christ Realities)

Igice ca Cumi n’Icenda (Chapter Nineteen)

Mu vyete vy’Isezerano Rishasha vyinshi, dusanga ijambo “muri Kristo,” “hamwe na Kristo,” “kubwa Kristo” no “muri We.” Vyerekana inyungu dufise kuber’ivyo Yesu yakoze ku bwacu. Igihe twiraba nk’ukw’Imana itubona, “muri Kristo,” bituma tubaho nk’ukw’Imana ishaka. Umukozi agira abigishwa ategerezwa kwigisha abigishwa biwe ico bari co muri Kristo kugira bibafashe gushikira ukunengesera kwose.

Ica mbere, bisigura iki kuba “muri Kristo?”

Igihe tuvutse ubwa kabiri, twinjizwa mu mubiri wa Kristo tugahindurwa umwe na we, mu mpwemu. Reka twihweze imirongo y’ivyete vyo mw’Isezerano Rishasha ivyemeza:

Natwe ni ko turi; turi benshi, kandi tur’umubiri umwe muri Kristo (Rom. 12:5, dushimikiye ku nsobanuro).

Arik’uwumatanije n’Umwami wacu aba abaye impwemu imwe na we (1 Kor. 6:17, dushimikiye ku nsobanuro).

Namwe mur’umubiri wa Kristo, kand’umuntu wese wo muri mwebwe ni urugingo rwawo (1 Kor. 12:27, dushimikiye ku nsobanuro).

Twebwe twizeye Umwami Yesu Kristo dutegerezwa kumenyako twafatanijwe hamwe na we, ingingo z’umubiri wiwe n’impwemu imwe na we. Ari muri twebwe natwe turi muri we.

Uyu murongo utubwira inyungu dufise muri Kristo:

Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubwenge buva ku Mana, n’ukugororoka n’ukwezwa n’ugucungurwa (1 Kor. 1:30, dushimikiye ku nsobanuro).

Muri Kristo, twarahawe ukugororoka ( “twabiswe izera” kand’ubu dukora ibitunganye), twarejejwe (twashizwe iruhande dukoreshwe ivyera vy’Imana), no gucungurwa (twaraguzwe ngo tuve mu buja). Ntiturindiriye kuronka ukugororoka, ngo twezwe canke tuzocungurwe muri kazoza. Ahubwo, dufise iyo migisha ubu nyene kuko turi muri Kristo.

Ivyaha twakoze kera vyarahariwe muri Kristo:

Yadukijije ububasha bw’umwiza, atwimurira mu bwami bw’Umwana wiwe akunda. Mur’uwo ni ho dufise gucungurwa, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu (Kol. 1:13-14, dushimikiye ku nsobanuro).

Menya k’uk’icanditswe kivugako tutakiri mu bwami bwa Satani, ubwami bw’umwiza, arik’ubu turi mu bwami bw’umuco, ubwami bwa Yesu.

Nuko rer’umuntu wese iy’ari muri Kristo, aba ar’icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha (2 Kor. 5:17, dushimikiye ku nsobanuro).

Imana nishimwe kuk’ukurikiye Kristo, aba uhindutse “icaremwe gisha,” nka ka gakoko gadihindukamwo ikinyugunyugu! Impwemu yawe ihabwa kamere gashasha. Kera warufise karahise.”

Imigisha yo muri Kristo (More Blessings in Christ)

Mwese mur’abana b’Imana kubwo kwizera [muri] Kristo Yesu (Gal. 3:26, dushimikiye ku nsobanuro).

Mbega ntibiryoshe kumenyako tur’abana b’Imana, twavyawe na Mpwemu wiwe? Igihe tuje kuri we mu gusenga, ntituyegera nk’Imana yacu gusa ariko nka Data!

Kuko tur’ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera nga tubigenderemwo(Efe. 2:10, dushimikiye ku nsobanuro).

Imana ntiyapfuye kuturema, yaturemeye kandi muri Kristo. Ikirengeye, Imana yarateguye igokorwa umwe wese ategerezwa gushitsa, “ibikorwa vyiza…. Yateguye kera.” Twese dufise ico Imana yaduteguriye gukora.

Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubwacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana (2 Kor. 5:21, dushimikiye ku nsobanuro).

Ukugororoka dufise kuko turi muri Kristo n’ukugororoka kw’Imana ubwayo. Kukw’Imana yagerereye muri twebwe kandi aduhindura biciye muri Mpwemu Yera wiwe. Ibikorwa vyacu vyiza ni ibikorwa vyiza Imana ikorera muri twebwe.

Ariko mur’ivyo vyose turushirishwaho kunesha n’uwadukunze (Rom. 8:37, dushimikiye ku nsobanuro).

“Ivyo vyose” Paulo yanditse ni ibiki? Umurongo ur’imbere y’uyu werekana kw’ar’intambara n’ibigeragezo abizera bacamwo. N’igihe co kwicwa kubwiwe tuguma tunesha, n’ah’isi yiyumvira ko twahasize ubuzima. Tubatunesheje muri Kristo kuko n’iyo dupfuye, tuja mw’ijuru!

Nshobozwa vyose n’uwumpa inkomezi (Fil. 4:13, dushimikiye ku nsobanuro).

Muri Kristo, nta kidashoboka kuri twebwe kukw’Imana iduha inkomezi. Turashobora gukora ico adutumye cose.

Kand’Imana yanje izobamara ubukene bwanyu bwose, nk’ukw’itunga ry’ubwiza ryayo riri muri Kristo (Fil. 4:19, dushimikiye ku nsobanuro).

Turashobora kwizera kw’Imana yishura imitwaro yacu igihe tubanje kurondera ubwami bwayo. Umwami ni we mwungere wacu, kandi yitwararika intama ziwe!

Kwemeranya n’Ic’Imana Ivuze (Agreeing With What God Says)

Bamwe muri twebwe, ntibemera ic’Imana ivuga kuri twebwe, nk’uko tuvyumva mu majambo yabo arwanya ico Bibiliya ivuga. Aho kuvuga, “ngo Nzobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi” tuvuga, “ngo Sinzi ko nobishobora.”

Amajambo nk’ayo ni yo Bibiliya yita “inkuru mbi” kukw’arwanya ic’Imana yavuze (raba Guh.13:32). Iy’imitima yacu yuzuye ijambo ry’Imana, tuzokwuzura ukwizera, tukizera no kuvuga ico ivyanditswe bivuga gusa.

Imvugo za Bibiliya (Some Biblical Declarations)

Dutegerezwa kwizera no kuvugako tur’ic’Imana ivuga ko turi.

Dutegerezwa kwizera no kuvugako dushoboye ic’Imana ivugako dushoboye.

Dutegerezwa kwizera no kuvugakw’Imana ari ic’ivugakw’iri.

Dutegerezwa kwizera no kuvugakw’Imana izokora ico yavuzekw’izokora.

Ng’aya majambo yemewe n’ivyanditswe uwizera wese ashobora kwatura. Yose ntari m’ukuri dusanga “muri Kristo”, ariko yose yemeranya n’ivyanditswe.

Naracunguwe, ndezwa kandi ndonka ukugororoka mur Kristo (raba 1 Kor. 1:30).

Narakuwe mu bwami bw’umwiza nimurirwa mu bwami bw’Umwana w’Imana, ni bwo bwami bw’umuco (raba Kol. 1:13).

Ivyaha vyanje vyose vyarahariwe muri Kristo (raba Efe. 1:7).

Nd’icaremwe gisha muri Kristo—ubuzima bwa kera bwarahise (raba 2Kor. 5:17).

Imana yateguye kuva kera ibikorwa vyiza ngenderamwo (raba Efe. 2:10).

Nagizwe ukugororoka kw’Imana muri Kristo (raba 2Kor. 5:21).

Nesha vyose kubwa Kristo yankunze (raba Rom. 8:37).

Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi (raba Fil. 4:13).

Imana imara ubukene bwose nk’ukw’itanga ry’ubwiza bwayo riri muri Kristo (Fil. 4:19).

Nahamagariwe kuba uwera (raba 1Kor. 1:2).

Nd’umwana w’Imana (raba Yohana 1:12, 1Yohana 3:1-2).

Umubiri wanje ni ingoro ya Mpwemu Yera (raba 1Kor. 6:19).

Si jewe nkiriho, ariko ni Kristo aba muri jewe (raba Gal. 2:20).

Narakuwe musi y’ububasha bwa Satani (raba Ivyak. 26:18).

Urukundo rw’Imana rwasutswe mu mutimwa wanje na Mpwemu Yera (raba Rom. 5:5).

Uwuri muri jewe aruta uwuri (Satani) mw’isi (raba 1Yohana 4:4).

Nahezagiwe n’imihezagiro yose yo mw’isi ya mpwemu muri Kristo (raba Efe. 1:3).

Nicaranye na Kristo mw’ijuru, hejuru y’ububasha bwose bwa Satani (raba Efe. 2:4-6).

Kuko nkunda Imana kandi nahamagawe n’ugushaka kwiwe, ituma ibintu byose bikoranira hamwe nkunzanira ivyiza (raba Rom. 8:28).

Imana iri mu ruhande rwanje, uwongwanya ni nde? (raba Rom. 8:31).

Ntaco ntandukanya n’urukundo rwa Kristo (raba Rom. 8:35-39).

Ibintu vyose biranshobokera kuko nizera (raba Mariko 9:23).

Nd’umuherezi w’Imana (raba Ivyah. 1:6).

Kubera yuko nd’umwana wayo, Imana inyoboza Mpwemu wayo (raba Rom. 8:14).

Igihe nkurikira Umwami, intambuko z’ubuzima bwanje ni nk’umuco (raba Imig. 4:18).

Imana yampaye ingabire zidasanzwe ngo ndayikorere (raba 1Pet. 4:10-11).

Ndashobora gusenda abadayimoni no kurambika ibiganza vyanje ku barwaye bagakira indwara (Mariko 16:17-18).

Imana inyoborera mu kunesha muri Kristo (raba 2Kor. 2:14).

Nserukira Kristo (raba 2Kor. 5:20).

Mfise ubugingo budashira (raba Yohana 3:16).

Ikintu cose nsaba mu gusenga, mu kwizera, ndagihabwa (raba Mat. 21:22).

Kubw’imishishagu ya Yesu, naronse gukira (raba 1Pet. 2:24).

Nd’umunyu n’umuco w’isi (raba Mat. 5:13-14).

Nd’umuraganwa na Yesu Kristo (raba Rom. 8:17).

Nd’ubwoko bwatoranijwe, umwami n’umuherezi, ihanga ryera, n’umuragwa w’Imana (raba 1 Pet. 2:9).

Nd’urugingo rw’umubiri wa Kristo (raba 1Kor. 12:27).

Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena (raba Zab. 23:1).

Uhoraho ni we amburanira—notinya nde? (raba Zab. 27:1).

Imana izompaza imisi yo kubaho (raba Zab. 91:16).

Kristo yikoreye indwara n’imibabaro yanje (raba Yes. 53:4-5).

Uhoraho aramfasha, ntaco nsotinya (raba Heb. 13:6).

Nikoreje Uhoraho amaganya yanje na we aranyitwararika (raba 1 Pet. 5:7).

Ngwanya wa Mubi, na we arampunga (raba Yak. 4:7).

Ndokora ubugingo bwanje mu kubuheba kubwa Kristo (raba Mat. 16:25).

Nd’umuja w’Umwami (raba 1Kor. 7:22).

kubwanje, kubaho ni Kristo, no gupfa ni nyungu (raba Fil. 1:21).

Umurwa wanje uri mw’ijuru (raba Fil. 3:20).

Imana izosozera igikorwa ciza yatanguye muri jewe (raba Fil. 1:6).

Imana ikorera muri jewe, ngw’ishitse ubugombe bwayo (raba Fil. 2:13).

Nacunguwe umuvumo w’ivyagezwe (raba Gal. 3:13).

Utu ni uturorero dukeya twerekana ingene dushobora kwatura neza mu kwisunga ijambo ry’Imana. Vyokubera vyiza kwimenyereza kwama watura ayo majambo ni ho uko kuri gutsimbatara mu mutima wawe. Twame dusuzuma ijambo ryose rituva mu kanwa ntidusange turiko turwanya ic’Imana yavuze.

To subscribe to David Servant's periodic e-teachings, click here.


Kirundi » Ukuri Dusanga Muri-Kristo (In-Christ Realities)