Igikorwa ca Yesu co Gukiza Indwara (The Healing Ministry of Jesus)

Gukira Kuva Mw’ijuru (Divine Healing)

Hari abantu bigisha bavuga ngo Yesu yarashobora gukiza canke gukora igitangaza ah’ashakiye hose kuko yari Umwana w’Imana. Ariko dusuzumye neza ivyanditswe, dusanga n’aho Yesu ar’Imana, yagendana ububasha bwashingiwe akarimbi igihe cose yakoreye kw’isi. Yarigeze kuvuga ati, “Nta co Umwana ashobora kwigenera, atabonye Se agikora, kukw’ivyo Se akora vyose n’Umwana aca abikora” (Yohana 5:19). Vyerekana neza ko yarindira kuri Se ivyo akora vyose.

Twisunze ivya Paulo, igihe Yesu yahinduka umuntu “yariyambuye ubwiwe” ibintu vya muranga nk’Imana:

Mugire wa mutima muri mwebwe wari muri Kristo Yesu. Uwo, naho yar’asanganywe ishusho ry’Imana, ntiyiyumviriye yuko kuringanira n’Imana ar’ikintu co kwumiriko: Ariko yisiga ubusa, yabira ishusho y’umugurano, acika uwusa n’abantu (Flp. 2:5-7, hongeweko insobanuro).

Mbega Yesu “yiyambuye iki”? ntibwar’ubumana bwiwe. Ntikwar’ukwera kwiwe. Nti rar’urukundo rwiwe. Butegerezwa kuba bwa bubasha bwiwe burengeye vyose. ntayar’akiri hose (kuba ahantu hose icarimwe). Nkuko nyene, ntiyar’akimenya vyose (kumenya vyose ica rimwe) hamwe no gushobora vyose (gushobora ikintu cose). Yesu yar’ahindutse umuntu. Mu gikorwa ciwe, yakora nk’umuntu yasizwe amavuta na Mpwemu Yera. Ibi bigenda bigaragara uko dushishikara kuraba za njili zine.

Akarorero, turashobora kubaza duti, namba Yesu yar’Umwana w’Imana, ni kuko yarinze kubatizwe muri Mpwemu Year igihe yatangura igikorwa ciwe ku myaka mirongitatu? Mbega Imana yar’ikeneye kubatiza Imana?

Yesu yarabatijwe muri Mpwemu Yera kugira ngw’aronke ububasha bwo gukorera Imana kw’isi. Ni co gituma, amaze kubatizwa, tubona avuga aya majambo, ati: “Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, Ni co catumye andobanuza amavuta kugirango mbwire aboro ubutumwa bwiza….kemenyesha…kubohora…” (Luka 4:18, hongeweko insobanuro).

Nico gituma Paulo yabwirije avuga ati “Ivya Yesu Umunyanazareti, ingene Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw’Imana yari kumwe nawe (Ivyakozwe n’intumwa 10:38, hongeweko insobanuro).

Nico catumye Yesu ata gitangaza akora gushika amatijwe. Yar’Umwana w’Imana agifise imyaka mirongibiri n’itanu? Neza cane. None ni kuki ata gitangaza yakoze atarashikana imyaka mirongitatu? Ni kubera ko Yesu yar’amaze kwiyambura ubushobozi Imana igira, kandi yategerezwa kurindira gushika amaze kwambikwa ububasha na Mpwemu Yera.

Ibindi Bimenyetso Vyerekana Ko Yesu Yakoze nk’Umuntu Ashobozwa na Mpwemu

(More Proof that Jesus Ministered as a Man Anointed by the Spirit)

Dusomye injili turabona yuko har’ibihe Yesu yakora afise ijambo ry’ubwenge n’ikindi yakora ataryo afise.

Yarabwiye wa mugore ku kidengeri c’i Samaria ko yagize abagabo batanu kand’ata numwe bakirikumwe (raba Yohana 4:17-18). Mbega Yesu yabimenye gute? Ko yar’Imana kandi tuzi kw’Imana izi vyose. oya, iyo biba bimeze gurtyo, Yesu yarikuba yarerekana ubwo bubasha igihe cose yishakiye. N’aho yar’Imana kandi Imana imenya vyose, Yesu yariyambuye uku menya vyose igihe yemera gucika umuntu. Yesu yar’azi neza inkuru y’uwo mugore ku kidengeri kuko Mpwemu Yera yamuha ingabire y’ijambo ry’ubwenge (1 Kor. 12:8), ni bwo bwenge budasanzwe butuma umuntu amenya ibiriko biraba cank’ivyabaye muri kahisi. (Turazakuvyiga neza icigwa ku ngabire za Mpwemu nkuko tubibona mu gice gikurikira iki).

Mbega Yesu yar’azi ikintu cose igihe cose? Oya, igihe wa mugore arwaye ubutinyanka yakora ku mpuzu ya Yesu yumvise ububasha bwo gukiza bumuvako, arabaza ati” Ni nde yankoze ko?” (Mariko 5:30b). igihe Yesu yabona ku giti c’umusukoni ari kure gatoya Mariko 11:13, yagiye “kuraba ko har’ico yoronka.”

Ni kuki Yes atamenye uwamukozeko? Ni kuki atamenye yuk’umusukoni wamye? k Kubera ko Yesu yakora nk’umuntu yasizwe amavuta na Mpwemu Yera (raba 1 Kor.12:11; Heb.2:4). Yesu ntiyashobora kumenya ibintu ariko Mpwemu Yera yarashobora kumuha “ijambo ry’ubwenge.”

Ni ko vyari bimeze igihe c’igikorwa ca Yesu co gukiza. Ivyanditswe vyerekana ko Yesu atashobora gukiza umuntu wese ku mwanya wose. Akarorero, dusoma mu njili ya Mariko kw’igihe Yesu yagendera igisagara ciwe c’amavuko, atashoboye gukora ivyo yifuza vyose.

[Yesu] avayo aja mu ntara y’iwabo, abigishwa biwe baramukurikira. Isabato ishitse, aca yigishiriza mw’isinagogi: benshi bamwumvise baratangara “bat’ivyo vyose uyu yabikuye hehe? Kandi n’ubwenge ki yahawe, n’ivyo bitangaza bingaho bikorwa n’amaboko yiwe n’ibiki? Mbaga si wamubaji, mwene Mariya, mwene nyina wa Yakobo na Yose na Yuda na Simoni? Bashiki biwe na bo ntibari hano i wacu?” Ibiwe birabatsitaza. Yesu arababwira, “At’umuvugishwa n’Imana ntabura icuhabiro, atari mu ntara y’i wabo, no mu muryango w’i wabo, no mu nzu y’i wabo.” Maze ntiyashobora gukoreray’igitangaza na kimwe, atar’abarwayi bake yarambitsekw’ibiganza, arabakiza. Atangazwa n’ukutizera kwabo. Agendagensa mu muhana ihakikije, yigisha (Mariko 6:1-6, dushimikiye ku nsobanuro).

Menya ko Mariko atavuze yuko Yesu atashatse gukorera yo igitangaza, ahubwo ntiyashoboye. Kubera iki? Kukw’abantu b’i Nazareti batizera. Ntibakiriye Yesu nk’uwasizwe Umwana w’Imana yasizwe amavuta ariko nk’umwana w’iwabo asanzwe. Nkuko Yesu ubwiwe yavyivugiye, “umuntu avugishwa n’Imana ntabura icubahiro, atari mu ntara y’i wabo, no mu muryango w’i wabo, no mu nzu y’i wabo” (Mariko 6:4). Ivyakurikiye, n’uko yakijije abantu bakeya cane “basanzwe cane” (nkuk’insobanuro imwe ibivuga). N’ukuri, namba har’ikibanza Yesu yifuza gukorera mw’ibitangaza no gukiza abantu mu buryo budasanzwe, car’igisagara ya kuriyemwo. Bibiliya iti, kubera ivyo, ntagitanza na kimwe yashoboye gukora.

Ukundi Guhishurirwa kwa Luka (More Insight from Luke)

Yesu yakiza mu buryo bubiri: (1) mu kwigisha ijambo ry’Imana rihamagarira abarwaye kwizera, hamwe no (2) gukorera mu “ngabire yo gukiza indwara” nkuko Mpwemu Yera amurongoye. Nuko, Yesu yazibiwe n’ibintu bibiri mur’ico gikorwa ciwe co gukiza indwara: (1) ukutizera kw’abari barwaye (2) n’ubugombe bwa Mpwemu Yera bwo kwigaragariza abicishije mu “ngabire yo gukiza indwara.”

Biragaragara, abantu benshi bo mu gisagara ca Yesu ntibamwizera. Naho bumvise inkuru z’ibitangaza yakoreye mu bindi bisagara, ntibizera kw’afise ububasha bwo gukiza indwara, bituma adashobora kubakiza. Ikirengeye vyose, Mpwemu Yera ntiyahaye Yesu gukorera mur’iyo “ngabire yo gukiza indwara” ah’i Nazareti—nta numwe azi icabitume.

Luka yaradondoye cane gusumba Mariko uko vyagenze igihe yaja i Nazareti:

[Yesu] aja i Nazareti, iyo yakuriye; ku musi w’isabato yinjira mw’isinagogi, nkuko yamenyereye ava hasi ngw’asome. Baha igitabo c’uwavugishwa n’Imana Yesaya, arakizingurura, abona ahantu yanditswe, ngo “Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, Ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbwire aboro ubutumwa bwiza: Yantumwe kumenyesha abarindwa ko barekuwe, N’impumyi ko zihumuka, No kubohora abanywagutse imitima, no kumenyesha abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho.” Azinga igitabo…Atangura kubabwira, “ar’Ivyo vyanditswe birashitse uyu musi, nkukw’amatwi yanyu yiyumviye.” Bose baramushima, batangazwa n’amajambo yigikundiro avuye mu kanwa kiwe, “bati mbeg’uyu si mwene Yosefu?” (Luka 4:16-22).

Yesu yagomba kw’abantu bamwumviriza batahura yukw’ari we uwasizwe amavuta Yesaya yavuze, yizigira ko bamwizera bagaca baronka ivyiza biva kur’uko gusirwa kwiwe, nkuko Yesaya yabivuze, kwarimwo gukurwa mu buja no gucunaguzwa no kubahumura.

[1]

Ariko ntibizeye, kandi naho batangazwa n’ubuntu bwava mu kanwa kiwe, ntibarushe bizera k’umuhungu wa Yosefu yoba ari we yasezeranywe. Kuko yar’azi ugukekeranya kwabo, Yesu arababwira,

Ntimuzobura kuncira uyu mugani, “Muvuzi, wivure! Ivyo twumvise vyose ko wakoreye i Kaperinawumu, ubikorere n’ino mu ntra y’i wanyu”….Ndababwire ukuri, nta muntu avugishwa n’Imana yemerwa mu ntara y’i wabo (Luka 4:23-24).

Abantu bo mu gisagara ca Yesu bari barindiriye kubona ko Yesu akora ivyo yakoreye muri Kaperinawumu. Ntibari barindiriye mu kwizera ariko mu gukekeranya. Kubera ukwizera kwabo gukeya ni kwo kwamubujije gukora ibitangaza canke gukiza indwara.

Ikindi Cazibiye Yesu i Nazareti (Jesus’ Other Limitation in Nazareth)

Amajambo Yesu yaciye abwira ab’i Nazareti yerekana ko yari ashingiwe akarimbi na Mpwemu Yera ntabashe kwigaragariza mu “ngabire zo gukiza indwara”:

Ariko ndababwire ukuri, har’ih’abapfakazi benshi mu Bisirayel mu gihe ca Eliya, hamwe ijuru ryakingwa, imvura igatara imyaka itatu n’amazi atandatu, ikigoyi cinshi kigatera mu gihugu cose; yamara Eliya ntiyatumwe kuri n’umwe muri bo, arikw’atumwa izarefati mu gihugu c’i Sidoni ku mugore w’umupfakazi. Kandi har’ah’abanyamibembe benshi mu Bisirayeli mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Elisa, ntihakizwa n’umwe muri bo, atari Namani Umusiriya (Luka 4:25-27).

Yesu yamenyesheje abantu ko Eliya atari gushobora kugwiriza amavuta n’ifu abapfakazi bose muri Isirayeli igihe c’ikigoyi c’imyaka itatu (raba 1Abam. 17:9-16). Naho har’abapfakazi benshi bakenye muri Isirayeli, Mpwemu yavugutiye Eliya ngw’agende gufasha umupfakazi umwe rudende nah’atari umwisirayelo. Nkuko nyene, Elisa ntiyashobora guhumanura umunyamibembe wese yishakiye. Ikivyerekana n’uko harihw’abanyamibembe benshi mu Bisirayeli igihe Nahamani yahumanurwa. Iyo biba bivana na Elisa, yarikwikiriza abagenzi bose barwaye imibembe mu Bisirayeli imbere yo guhumanura Nahama, yasenga ibigirwamana (raba 2 Abam,5:1-14).

Eliya na Elisa bompi bavugishwa n’Imana—bari barasizwe amavuta na Mpwemu Yera ngo bakorere mu ngabiri zitandukanye zitangwa na Mpwemu nkuko uyo Mpwemu nyene avyigombeye. Ni kuki Imana itarungitse Eliya ku bandi bapfakazi? Ntavyo nzi. Ni kuki Imana itakoresheje Elisa ngw’ikize abandi banyamibemb? Ntavyo nzi. Nta n’umwe abizi, kiretse Imana yonyene.

Izo nkuru zibiri tumenyereye ziri mw’Isezerano rya Kera ntizerekana, ko yar’ubugombe bw’Imana ngw’abandi bapfakazi ntizishurwe imitwaro cank’abanyamibembe ntibakire. Abisirayeli barigushobora kwirukana ubukene igihe bo n’umwami wabo (Ahabu) bari guca bugufi bakihana mur’ico gihe ca Eliya. Ico kigoyi casigura urubanza rw’Imana. Kand’abanyamibembe bose barigukira iyo bumvira no kwizera amajambo y’isezerano bagiraniye n’Imana, nk’uko tumaze kubibona, yarimw’ugukira indwara.

Yesu yeretse abamwumviriza bari i Nazareti yuko nawe yakorera mur’utwao turimbi nka Eliya na Elisa. Kubw’imvo runaka, Mpwemu Yera ntiyahaye Yesu ubushobozi bw’”ingabire yo gukiza indwara” igihe yar’i Nazareti. Ico gituma, carimwo n’ukutizera kw’ab’i Nazareti, bituma ata bitangaza bikomakomeye bikoreka muri Yesu kubw’igisagara ciwe.

Kwitegereza “Ingabire yo Gukiza” Ducishirije Muri Yesu

(A Look at One “Gift of Healing” Through Jesus)

Iyo turaba ivyanditswe mu njili bivuga k’ugukiza gutandukanye kwakozwe na Yesu, dusanga abantu benshi bakira indwara, atari kubw’”ingabire zo gukiza indwara,” kuriko kubwo kwizera. Reka turabe itandukaniro riri hagati y’ubwo bwoko bubiri bwo gukira mu kuraba uturorero twompi. Duhere ku nkuru y’umuntu w’ikimuga yari kwiriba rya Betesida, ntiyakize kubw’ukwizera kwiwe, ariko kubw’”ingabire yo gukiza” Yesu yar’afise.

Kand’i Yerusalemu hafi y’irembo ry’intama, har’ikidengeri, mu Giheburayo citwa Betisida, carikw’amabaraza atanu. Muri yo hari haryamye abantu benshi barwaye, n’impumyi, n’abacumbagira, n’abanyunyutse. [Bari barorereye kw’amazi azikuruka. Kuko rimwe-rimwe umumarayika yamanuka aja muri kidengeri, akazikurura amazi. Maze uwitangiye gutambukiramwo amazi azikurutse, ni we yakira indwara yamufashe iy’ari yo yose.] Har’umuntu yar’afise indwara ayimaranye imyaka mirongwitatu n’umunani. Yesu amubonye aryamyeho, kand’amenye kw’amaze igihe kirekire, aramubaza, ati “Wumva ugomba gukira?” Uno arwaye aramwishura, ati “Mugenzi, nta muntu mfise wo kunyinikira mu kidengeri iy’amzi azikurutse: kuko ngira ngo ndaza uwundi akantanga gushungurukiramwo.” Yesu aramubwira, ati “ Va hasi, ikorere ikirago cawe, ugende.”Buno nyene uwo muntu arakira, yikorera ikirago ciwe aragenda (Yohana 5:2-9).

Tumenya gute k’uyo muntu yakize, hatisunzwe ukwizera kwiwe, ahubw’ari ku “ngabire yo gukiza”? har’ibimenyetso vyinshi.

Ica mbere, menya k’uyu muntu atarikw’arondera Yesu. Yesu niwe yamusanze aho aryamye iruhande y’ikidengeri. Iy’uyu mugabo aba arikw’arondera Yesu, twomenye kw’ari ukwizera kwabimutuma.

Ica kabiri, Yesu ntiyabwiye uyu mugabo k’ukwizera kwiwe kumukijije, nkuko yakunda kubigira igihe akijije abandi bantu.

Ica gatatu, igihe uwakize yabazwa n’Abayuda uwa mubwiye ngo “va hasi, ugende,” yishuye k’uyu muntu atanamuzi. Rero s’ukwizera kwiwe muri Yesu kwatumye akira. Ibi vyerekana neza umuntu akize indwara kubw’”ingabire ya gukiza” ikoreshejwe nkuko Mpwemu Yera yifuza.

Menya kandi ko n’aho hari abarwayi benshi barambaraye i ruhande y’ikidengeri barindiriye kw’amazi azikuruka, Yesu yakijije umurwayi umwe gusa asiga abandi barwaye. Kubera iki none? N’ubu, nta nyishu mfise. Iki kintu, coba cemeza kw’Imana igomba ko hagira abantu baguma barwaye. Umurwaye wese yarashobora gukira igihe agize ukwizera muri Yesu. Kanatsinda, birashobora kuba n’icatumye uyu mugabo akira ari umwe gusa mu buryo bw’igitangaza—kugira ngw’abari ngaho bose bace bahanga Yesu, kuko yashobora kubakiza bose igihe bagize ukwizera muri we.

Kenshi cane, “ingabire zo gukiza indwara” bishirwa mu mugabane w’“ibimenyetso n’utwumiza,” bisigura, ibimenyetso bituma abantu baraba Yesu. Ni co gituma abavuga butumwa bo mw’Isezerano Rishasha nka Filipo bari bafise “ingabire zo gukiza indwara” zitandukanye, kukow’ibitangaza bakora vyatuma abantu bahindukira kwumviriza ubutumwa bababwira (raba Ivyak. 8:5-8).

Abakristo barwaye ntibakwiriye kurindira ko hagira umuntu afise “ingabire zo gukiza indwara” aza kubakiza kuk’uyo muntu bishaka ntaboneke. Ugukira kuboneka igihe tugize ukwizera Yesu, kandi, n’ah’umuntu wese adategerezwa gukira kubera ingabire zo gukiza indwara, arashobora gukira indwara igihe agize ukwizera. Ingabire zo gukiza indwara zashizwe mw’ishengero kugira ngw’abatizera bakire no guhinduki bakumviriza ico ubutumwa bubabwira. Ntibisigura kw’abakristo badashobora na gato gukizwa n’ingabire zo gukiza indwara. Uko bimeze kwose, Imana ishaka k’ukwizera kw’abana bayo kubakiza.

Akarorero k’Umuntu Yakijijwe n’Ukwizera Kwiwe

(One Example of a Person Healed By His Faith)

Barutimayo ni impumyi yakize indwara kuko yizeye Yesu. Reka dusome inkuru yiwe mu njili yanditswe na Mariko.

Nuko bashika i Yeriko: [Yesu] akivana iyeriko n’abigishwa biwe n’ishengero ryinshi, mwene Timayo yitwa Barutimayo, umusezi w’impumwi, yari yicaye i ruhande y’inzira. Yumvise kw’ari Yesu umunyanazereti atangura gutakamba, ati”Yesu, mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi”. Abantu benshi baramuzibiranya ngw’ahore: arikw’arushiriza cane gutakamba, ati “Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi.” Yesu arahagarara, arababarira, ari “Ni mumuhamagare.” Bahamagara iyo mpumyi, barayibwira, bati “humura, va hasi, araguhamagaye.” Nayo ita impuzu yayo, irabaduka, yegera Yesu. Yesu arayibaza, ati” Ugomba ko ngukorera iki?”Ino mpumyi iramwishura, iti “Ndagomba guhumuka, Mwigisha.” Yesu arayibwira, ati “Genda, ukwizera kwawe kuragukijije” aca arahumuka, amukurikira ku nzira (Mariko 10:46-52).

Menya ko Yesu atari we yarondera Barutimayo. (Iki ni gihushanye c’ivya koretse kuri wa mugabo ku kidengere c’i Betesida) Kanatsinda, Yesu yar’amurenganye, kand’iyo Barutimayo atamusemerera, Yesu yari kubandanya yigira. Bisigurira ko Barutimayo atari gukira.

Iyumvire. Vyari kugenda gute iyo Barutimayo aguma yicara akavuga mu mutima wiwe ati, “namba ar’ubugombe bwa Yesu ko jewe ndonka gukira, aransanga ngaha ankize.” Vyari kugenda gute? Barutimayo ntiyari kwigera akira, nah’iyi nkuru yerekana ko bwar’ubugombe bwa Yesu kw’akira. Ikimenyetso ca mbere c’ukwizera kwa Barutimayo n’uko yasemereye atakambira Yesu.

Ica kabiri, menya ko Barutimayo ataciwe intege n’abamuzibiranya bamucecekesha. Ukw’abantu bamucecekesha, ni ko yarushiriza “gusemerera cane” (Mariko 10:48). Vyerekana ukwizera kwiwe.

Ica gatatu, menya ko Yesu atishuye Barutimayo igihe yar’agitangura gusemerera. Kandi vyarashoboka kw’atumvise Barutimayo agitakamba ubwa mbere, namba yaravyumvise, ntiyashatse guca yishura. Mu yandi majambo, Yesu yagerageze ukwizera kw’uyo muntu.

Iyo Barutimayo aharukira ugusemerera kwa mbere gusa, ntiyari gukira. Natwe, rero, dutegerezwa gushishikara mu kwizera kuko kenshi amasengesho yacu asa nayatishuwe. Ni igihe ukwizera kwacu gusuzumwe gusa, ni ho dukenera gushishikara twemye, tukankira ibihe bibi kuduca intege.

Ibindi Bigaragaza Ukwizera kwa Barutimayo

(Further Indications of Bartimaeus’ Faith)

Igihe Yesu yamuhamagara, Bibiliya ivuga yuko Barutimayo “yataye impuzu yiwe.” Ndatahura kw’impwemu mu gihe ca Yesu cambara impuzi runaka zibaranga kw’ar’impumyi. N’ukuri, birashoboka ko Barutimayo yaciye ata iyo mpuzu igihe Yesu yamuhamagara kuko yizerako kw’atazosubira kuba mu gitigiri c’impumyi. Namba vyari bimeze gurtyo, ukwizera kwiwe kwaragaragara.

Ikirengeye vyose, igihe Barutimayo yata impuzu yiwe, Bibiliya ivuga ko yaciye “abaduka,” vyerekana umunezero wiwe n’ivyizigiro ko har’ikintu gishasha kigiye gukoreka. Abantu bafise ukwizera kwo gukira indwara baranezerwa igihe basaba Imana kubakiza kuko baba biteze kwakira ukwo gukira.

Menya ko Yesu yagerageje ukwizera kwa Barutimayo igihe yaza kuri we. Yabajije Barutimayo ico yifuza, kand’inyishu ya Barutimayo, yerekana ko yizera ko Yesu ashoboye kandi yifuza kumuhumura.

Niho Yesu yamubwira kw’akijijwe n’ukwizera kwiwe. Namba Barutimayo yashoboye gukizwa no kwizera kwiwe, bishobokera umuntu wese kukw’Imana “itagira nkunzi.”

Ibindi Dushobora Kwiga (For Further Study)

Narashizeho ibintu mirongwibiri na kimwe vyerekana ingene Yesu yakijije abantu nk’uko biri mu njili zose zine. Yesu, n’ubundi, yakijije abantu barenga mirongibiri n’umwe, ariko ivyotuzakubona vyose dusanga ivyaranga umurayi wese n’ingene yakize indwara.

Nashizi ivyo bitigiri mu mirwi mikuru mikuru ibiri—abakize kubw’ukwizera kwabo n’abakize kubw’ingabire yo gukiza indwara. Nasanze kenshi umuntu akize kubwo kwizera kwiwe Yesu yakunda kumubuza kuvuga ivyabaye. Bica vyerekana yukw’”atari ngabire zo gukiza indwara” kukw’abo barwayi ntibakize kugira ngo bamamaze Yesu cank’ubutumwa bwiwe.

Ah’Ukwizera Kuvugwa nk’Imvo Nyamukuru Yo Gukira Indwara :

(Cases Where Faith or Believing is Mentioned as the Cause of Healing):

1. Umukozi w’umugabisha (cank’“umuhungu”): Mat. 8:5-13; Luka 7:2-10 “Bikubera nkuko uvyizera.”

2. Ikimuga cacishizwe kw’idari ry’inzu: Mat. 9:2-8; Mariko 2:3-11; Luka 5:18-26 “Abonye ukwizera kwabo….Avavuga…’vyuka ugende.’”

3. Umukobwa wa Yayiro: Mat. 9:18-26; Mariko 5:22-43; Luka 8:41-56 “‘Ntutinye—wizere’….Ababihanikiriza cane, ngo ntihagire umuntu n’umwe abimenya.”

4. Umugore Arwaye Ubutinyanka: Mat. 9:20-22; Mariko 5:25-34; Luka 8:43-48 “Ukwizera kwawe kuragukijije.”

5. Impumyi Zibiri: Mat. 9:27-31 “Bibabere nkuko mwizeye….Murumva, ntihagire

umuntu abimenya!”

6. impumyi Barutimayo: Mariko 10:46-52; Luka 18:35-43 “Ukwizera kwawe

kuragukijije.”

7. Abanyamibembe cumi: Luka 17:12-19 “Ugende Ukwizera kwawe kuragukijije.”

8. Umuhungu w’umutware: Yohana 4:46-53 “Uwo mugabo yizera ijambo Yesu

yamubwiye.”

Mur’ibi bintu bine, ukwizera kw’umurwayi ntikwirekanwa, arik’usomye neza wumva kuri mwo mu majambo cank’ibikorwa. Akarorero, za mpumyi zibiri (ku nomero 10) zatakambira Yesu nkuko Barutimayo yabigize igihe Yesu yarengana. Abarwayi bose tuzakubona mur’ivyo bintu bine ni bo barondera Yesu, bigaragaza ukwizera kwabo. Ibice bitatu mu bice bine vyose, Yesu yabwiye abakize kutagira uwo babibwira, vyerekana ko zitari “ingabire zo gukiza indwara.”

9. Umunyamibembe atar’azi Ubugombe bw’Imana: Mat. 8:2-4; Mariko 1:40-45; Luka 5:12-14 “Nti hagire umuntu n’umwe ubibwira.”

10. Impumyi zibiri (bishoboka k’umwe yari Barutimayo): Mat. 20:30-34 “Bamutakambira, bati ‘Mwami tugirire imbabazi!’”

11. Umuntu w’ikiragi n’ikitumva: Mariko 7:32-36 “arabihanikiriza ngo ntihagire n’uwo

babibwira.”

12. Impumyi: Mariko 8:22-26 “Ntuje no mur’iyi mihana.”

Ibi bice bibiri vya nyuma vy’abantu bakize kubwo kwizera mubisanzwe nti bakize—bakuwemwo abadayimoni. Ariko Yesu yavuze k’ukwizera kwabo arikwo kwabakuyemwo abadayimoni.

13. Umuhungu arwaye intandara: Mat. 17:14-18; Mariko 9:17-27; Luka 9:38-42 “Yesu aramubwira…’Vyose bishobokera uwizeye.’ Se w’uwo mwana aca aturika cane…’Ndizeye Mfasha, fasha ukutizera kwanje.’”

14. Umukobwa w’umugore w’i Sirofoyinike: Mat. 15:22-28; Mariko 7:25-30 “Nyina wanje; Ukwizera kwawe ni kwinshi: bikubere nk’uk’ubigomba.”

Abantu Bakize Kubw’ “Ingabire zo Gukiza Indwara”:

(Cases of People Healed Through “Gifts of Healings”:)

Ibi bice ndwi vya nyuma ni abantu bakize kubw’ingabire zo gukiza indwara. Mu bice bitatu vya mbere, vyasabwa kwumvira itegeko rya Yesu kugira ng’umurwayi akire. Mur’ibi bice vyose ntaho Yesu yabujije umurwayi kuvuga ivyamushikiye. Kandi nta murwayi yagiye kurondera Yesu.

15. Umuntu Anyunyutse Ukoboko: Mat. 12:9-13; Mariko 3:1-5; Luka 6:6-10

“Maz’abwira uwo muntu….Ramvura ukuboko kwawe.”

16. umugabo wo ku kidengeri c’i Betesida: Yohana 5:2-9 “Haguruka, wikorere uburiri

bwawe, ugende.”

17. Umugabo yavutse ari mpumyi: Yohana 9:1-38 “Genda, wiyuhagire Imu kidengere

Silowamu.”

18. Inabukwe wa Petero: Mat. 8:14-15; Mariko 1:30-31; Luka 4:38-39

19. Umugore yahetamye imyaka irenga 18: Luka 13:11-16

20. Umugabo yakize imibembe: Luka 14:2-4

21. Umukozi w’umuherezi mukuru: Luka 22:50-51

Menya ko mur’ivyo bice mirongibiri na kimwe dutanze kw’akarorero, nta muntu akuze yakize indwara kubera ukwizera k’uwundi muntu. Igihe cose umuntu yakira indwara kubw’ukwizera kw’umuntu kanaka, yaba ar’umwana akize kubw’ukwizera kw’abavyeyi biwe (raba uturorero 1, 3, 8, 13, hamwe na 14).

Ngira ivyo umuntu yakwiyumvira ko bidasanzwe ni akarorero ka 1 na 2, umukozi w’umugabisha hamwe n’umugabo anyunyutse ukuboko bacishije kw’idari ry’inzu, ijambo ry’Ikigiriki ryasubanuwe umukozi n’ijambo pais, reshobora gusobanurwa umuhungu nkuko biri muri Matayo 17:18: “Umuhungu aca akira uyo mwanya nyene” (hongeweko insobanuro).

Iy’aba umukozi w’uyo mugabisha ntabe umuhungu wiwe, uyo mukozi yategerezwa kuba ar’umwana mutoya. Nuko, umugabisha yar’ajejwe uyo muhungu nk’umuvyeyi yemewe n’amategeko kandi yarashobora kwizera mu gishingo ciwe nk’uk’umuvyeyi abigirira umwana wiwe.

Ku vyerekeye wa mugabo anyunyutse ukuboko bacishije kw’idari, menya k’uyo mugabo yategerezwa kuba afise ukwizera kwiwe mu mutima, ahandi ho ntiyari kwemerera abagenzi biwe bamucishe kw’idari. Rero ntiyakize kubw’ukwizera kwa bagenzi biwe gusa.

Ibi vyose vyerekana k’ukwizera kw’umuntu akuze gushobora gukiza uwundi muntu akuze kand’uyu atagira ukwizera gutuma akira indwara. Ni vyo, umuntu akuze arashobora gusengera uwundi muntu akuze agakira igihe basangiye kwizera.

Arikw’abana bacu, bashobora kugira kubw’ukwizera kwacu, gushika bakwije imyaka runaka. Bategerezwa gushika ku myaka Imana igomba ko bonyene ukwabo bahabwa nayo icishirije mu kwizera kwabo.

Ndagutumiye gusubiramwo witonze akarorero kose muri Bibiliya yawe ng’ukomeze ukwizera kwawe gukiza indwara nkuko Uwami agushoboje.

Ububasha Bukiza Indwara (The Healing Anointing)

Mu kurangiza, nivyiza kumenya ko Yesu yasizwe ububasha bugaragara mu gikorwa ciwe kw’isi. Bisigura, yarashobora kwumva ingene ayo mavuta amuvamwo, kand’umuntu akize yarashobora kwumva ayo mavuta amwinjiramwo no gukira indwara yiwe. Akarorero, Luka 6:19 havuga ngo, “Kand’ishengero ryose rigerageza kumukorako, kuk’ubushobozi bwamuvamwo, bukabakiza bose.”

Vyumvikana k’ubwo bubasha bukiza bwseseka no ku mpuzi ziwe kugeza aho, igihe umuryayi afise ukwizera, akoze ku mpuzu za Yesu ayo mavuta akiza indwara yamanuka no mu mubiri wiwe. Dusoma muri Mariko 6:56:

Kand’aho yaja, mu mihana canke mubisagara canke mu misozi, bashira abarwayi mu tuguriro, bakamwinginga ngo bamukore naho hoba ku buyonga bw’impuzu yiwe gusa; abamukozeko bose bagakira.

Umugore yar’arwaye ubutinyanka (raba Mariko 5:25-34) yakize mu gukora ku buyonga bw’impuzu ya Yesu kandi kubwo kwizera yar’azi kw’ac’akira.

Yesu gusa si we yar’asizwe amavuta agaragara ariko n’intumwa Paulo niko vyabaye igihe co kurangiza igikorwa ciwe:

Kand’Imana ikoresha amaboko ya Paulo ibitangaza vy’agaheta, vyatumye bashira abarwaye ibitambara n’ivyambazo bivuye ku mubiri wiwe, bagakiza indwara zabo, impwemu zihumanye zikabavamwo (Ivyak. 19:11-12).

Amavuta yo gukiza kugaragara yaja ku vyambarwa vyose bashira ku mubiri wa Paulo, bisigura yuko bizera kw’impuzu zishobora kujana ububasha bukiza indwara!

Imana ntiyigeze ihinduka kuva igihe ca Yesu na Paulo, ntidutegerezwa gutanga tubonye Imana isiga amavuta abakozi bayo, nkuko yabigiriye Yesus na Paulo. Rero izi ngabire, ntizihabwa abatungu, zihabwa abamaze kwiyerekana kw’ar’abizigirwa kandi batukunda mu buzima bwabo.

 


[1]

Ibi vyose bivuga k’ugukira kw’umubiri. Indwara irashobora guhindura umuntu umuja, nkuko ivyansitswe bivuga “Imana yamusutse ko Mpwemu Yera n’ububasha, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose Umurwaniza atwaza amanyama(Ivyak. 10:38).

To subscribe to David Servant's periodic e-teachings, click here.


Kirundi » Igikorwa ca Yesu co Gukiza Indwara (The Healing Ministry of Jesus)

Ingabire za Mpwemu (The Gifts of the Spirit)

Igice ca Cumi n’Indwi (Chapter Seventeen)

Bibiliya yuzuyemwo imirongo yerekana abagabo n’abagore bahawe na Mpwemu Yera ubushobozi budasanzwe. Mw’Isezerano Rishasha, ubwo bushobozi budasanzwe bwitwa “ingabire za Mpwemu Yera” Ni ingabire kuko budashobora kugurwa. Ntidukwiriye kwibagira, hamwe n’ivyo, Imana ishira hejuru abantu ishobora kwizigira. Yesu ni we yavuze ati, “Uwukora ivyo yizigiweko ku coroshe cane, agira artyo no ku gikomeye: uwugabitanya ku coroshe cane, agabitanya no kugikomeye”(Luka 16:10). Rero turashobora kwizigira kuronka izo ngabire za Mpwemu ariko tuzi yuko zihabwa abizigirwa ku Mana. Kwishikana rwose ku Mana no kwizigira Mpwemu Yera ni nkenerwa cane, kukw’Imana yitegura gukoresha abantu bene abo mu buryo bw’ibitangaza. Ku rundi ruhande, Imana yarigeze kuvugisha indogoba, bisigura kw’ishobora gukoresha buri muntu. Yorindira ko dutunganywa rwose kugira idukoreshe, nta numwe muri twebwe yokoresheje!

Mw’Isezerano Rishasha, igabire za Mpwemu Yera zanditswe mu b’i Korinto 2 igice ni 12, kandi zose ni icenda:

Kuk’umwe aheshwa na Mpwemu ijambo ry’ubwenge, uwundi agaheshwa n’uyo Mpwemu ijambo ryo kumenya, uwundi ageshwa n’uwo Mpwemu ukwizera, uwundi agaheshwa n’uwo Mpwemu umwe ingabire zo gukiza indwara, uwundi agahabwa gukora ibitangaza, uwundi agahabwa kuvugishwa n’Imana, uwundi agahabwa kurobanura impwemu, uwundi agahabwa na Mpwemu kuvuga indimi nyinshi, uwundi agahabwa gusobanura indimi (1 Kor. 12:8-10).

Kumenya ingabire y’umuntu wese sivyo bituma Imana ikoresha abantu mu ngabire zayo za Mpwemu. Abami, abaherezi n’abavugishwa n’Imana, co kimwe n’abandi bakozi bose b’Imana bo mw’ishengero ry’isezerano Rishasha, bose bakoreye mu ngabire za Mpwemu n’aho batamenye uko zitwa. Ingabire za Mpwemu zashizwe mu mirwi itandukanye mw’Isezerano rishasha, kubiitahura ni vyiza. Ni co gituma Paulo yanditse ati “Bene Data singomba ko mutamenya ivy’ingabire za Mpwemu (1 Kor. 12:1).

Ugutandukana Kw’Izo Ngabire Cenda (The Nine Gifts Categorized)

Izo ngabire cenda ca Mpwemu zashizwe mu mirwi itatu mu gihe ca none: (1) ingabire zokuvuga, arizo: kuvuga indimi nyinshi, gusobanura indimi, no kuvugishwa n’Imana; (2) ingabire zo guhishurirwa, arizo: ijambo ry’ubwenge, ijambo ryo kumenya, no kurobanura indimi; hamwe na (3) ingabire z’ubushobozi, arizo: gukora ibitangaza, ukwizera kudasanzwe, n’ingabire zo gukiza indwara. Zitatu mur’izo ngabire zivuga ikintu runaka; izindi zitatu zihishura ikintu runaka; kandi zitatu zikora ikintu runaka. Izi ngabire zose zarakora mw’Isezerano rya Kera kiretse kuvuga mu zindi ndimi no kuzisobanura. Izo ngabire zibir ziri mw’Isezerano Rishasha gusa.

Isezerano Rishasha ntizitwereka ingene umuntu yokeresha “igabiri z’ubushobozi” ariko dusangamwo inyigisho nkeya cane zo gukoresha “ingabire zo guhishurirwa.” Har’impanuro nyinshi duhabwa na Paulo kw’ikoreshwa ry’ “ingabire zo kuvuga,” kandi zavyo ni zibiri.

Ica mbere, ingabire zivuga nizo zikunda kugaragara igihe abera bakoranye, arikw’ingabire zo guhishurirwa zigaragara gake, ingabire z’ubushobozi zozo zikora incuro nke zibaho. Rero tukeneye impanuro n’inyigisho zikunda kugaragara cane igihe ishengero rikoranye.

Ica kabiri, ingabire zo kuvuga zisaba gukorana n’abandi mu rwego rudasanzwe, kandi ni zo ngabire zikunda gukoreshwa nabi. Biroroha cane kwongera no guhindura ibiriko biravugishwa kuruta guhindura ivy’ingabire yo gukiza indwara iriko irakora.

Nk’uko Mpwemu Avyishakiye (As the Spirit Wills)

Ni nkenerwa cane kumenya yukw’ingabire za Mpwemu zitangwa nkuko Mpwemu avyishakiye kandi nta bugombe bw’umuntu bukora ngaho. Bibiliya irabitomora:

Arikw’ivyo vyose uwo Mpwemu umwe ni we abikorera muri bo, agabira umuntu wese ukw’agomba (1 Kor. 12:11, hongeweko).

Imana ifatanije na bo kugashingira intahe, iyishingisha ibimenyetso n’ibitangaza n’ibikomeye vy’uburyo bwose n’ingabire za Mpwemu Year zagabanganijwe nk’uko yagomvye (Heb. 2:4, hongweko insobanuro).

Umuntu arashobora gukoreshwa kenshi mu ngabire runaka, uriko nta n’umwe afise ingabire. Umuntu arashobora gusigwa amavuta agakora igitangaza runaka ariko ntibisigura kw’aca akora ibitangaza ukw’avyishakiye; kandi nta cemezo c’uko uzosubira gukora ico gitangaza.

Turiga no gusuzuma uturorero dukeya twa Bibiliya kuri buri ngabire. Menya neza, Imana ishobora guhishura ubuntu n’ubushobozi bwayo mu nzira zitagira igitigiri, rero biragoye kumenya ingabire Imana iza gukoresha igihe kanaka. Ikirengeye vyose, nta nsobanuro y’izo ngabire cenda dusanga mu vyanditswe—ico tuzi ni ibimenyetso vyazo. Rero turashobora kuraba uturorero muri Bibiliya tukagerageza kumenya ni iyihe ngabire yakoze, no kuzisobanura twisunze ingene zitandukanye. Kubera yuko har’inzira nyinshi Mpwemu Yera ashobora kwigaragaza acishirije mu ngabire zidasanzwe, ntivyoba vyiza iyo dutanze insobanuro tugashirako n’akaburungu. Har’ingabire zishobora kuba ihuriro ry’izindi nyinshi. Nico gituma Paulo yanditse ati:

Yamara har’ingabire z’uburyo bwinshi, ariko Mpwemu n’umwe. Kandi har’amabango menshi, arik’Umwami n’umwe. Kandi hariho uburyo bwinshi bwo gukora, arikw’Imana ni imwe, ikorera vyose muri vyose. yamara, umuntu wese ahabwa ikimwerekanako Mpwemu, kugira ngo bigire ikimazi (1 Kor. 12:4-7, hongeweko insobanuro).

Ingabire Z’Ubushobozi (The Power Gifts)

1) Ingabire zo gukiza indwara: izi ngabire zo gukiza indwara zashiriweho gukiza abantu barwaye. Zisigurwa kw’ar’ ububasha giturumbuka bwo gukiza imibiri irwaye, naje sinshobora guharira. Mu gice giheruka twabonye akarorero k’ingabire yo gukiza indwara yari muri Yesu igihe yakiza umurwayi ku kidengeri c’i Betesida (raba Yohana 5:2-17).

Imana yakoresheje Elisa akiza Nahamani umunyasiriya, yasenga ibigirwamana (raba 2Abam. 5:1-14). Nkuko twabonye igihe twasuzuma amajambo ya Yesu muri Luka 4:27 avuga k’ugukira kwa Nahamani, Elisa ntayar’ashoboye gukiza umunyamibembe wese bahuye. Yarongowe na Mpwemu kubwira Nahamani aje kwinjira muri Yorodani incuro ndwi, kand’igihe Nahamani yavyabaha, yaciye akira imibembe.

Imana yakoresheje Petero akiza ikimuga kw’irembo ryitwa ryiza akoresheje ingabire yo gukiza indwara (Ivyak. 3:1-10). Ico kimuga nticamugurutse gusa, arikw’ico kimenyetso catumye abantu benshi bumviriza amajambo ava mu kanwa ka Petero, maze abantu bababa ibihumbi bitanu biyongera kw’ishengero uyo musi nyene. Ingabire zo gukiza indwara zikorana intumbero zibiri arizo gukiza abarwaye no kuzana abadakijijwe kuri Kristo.

Igihe Petero yarikw’arabwiriza abantu bari bakoraniye ngaho uyo musi, yavuze ati:

Yemwe bagabo b’Abisirayeli, n’iki gitumye mutangazwa n’ibi, muduhangiye amaso iki, nk’ah’ubushobozi bwacu cank’ukwubaha Imana kwacu ari vyo vyaduhaye kumugendesha? (Ivyak. 3:12).

Petero yamenye yuko bidakoretse kubera ubushobozi afise muri we, canke kuber’ukwera kwiwe, ariko ni ubushobozi buva ku Mana bwakoreye muri we. Ibuka yuko Petero, amezi abiri atarakora ico gitangaza, yihakanye Yesu. Kubona Imana ikoresha Petero mu bushobozi kun tango z’igitabo c’ivyakozwe n’intumwa bitegerezwa kudufasha kwemera kw’Imana izodukoresha uko ivyishakiye.

Igihe Petero atanguye gusobanura ingene uyo mugabo yakize, ntiyari kuvuga yukw’ar’ingabire yo “gukiza indwara.” Ivyo Petero yar’azi vyose n’uko we na Yohana bari baciye iruhande y’ikimuga aza yumva amavuta n’ukwizera k’uyo mugabo agiye gukira. Yaciye ategeka uyu mugabo guhaguruka mw’izina rya Yesu, amucakira ku kuboko kw’i buryo,aramuhagurutsa. Ca kimuga gitangura “kugenda no gusimbagurika gishima Imana” Uku niko Petero yabisobanuye:

Kand’uyu, uwo mubona kandi muzi, kuko yizeye izina ry’uwo, iryo zina ryamuhaye inkomezi: mbere ukwizera ahawe na we ni kwo kumukirije rwose imbere yanyu mwese (Ivyak. 3:16).

Bisaba ukwizera kudasanzwe gufata ikimuga ku kuboko no kugihagurutsa witega ko gitambuka! Iyi ngabire idasanzwe iherekezwa n’ukwizera kugira ngo bishoboke.

Bamwe bavuye kw’igituma iyi ngabire iri mu bwinshi (mu Kirundi yitwa ingabire zo gukiza indwara) n’ukw’irimwo ingabire zitandukanye zikiza ubwoko bw’indwara zitandukanye. Abamaze gukoreshwa kenshi mu ngabire zo gukiza indwara barashobora kubona ubwoko bw’indwara zikunda gukira kuruta izindi igihe basengera abarwaye. Akarorero, umuvugabutumwa Filipo igihe asabira abantu gukira ibimuga n’abanyunyutse ni bo bakunda gukira (Ivyak. 8:7). Har’abavugabutumwa bamwe bo mu binjana vyaheze, basengeye impumyi cank’ibitumva canke abarwaye imitima, n’izindi, babona bakira nkukw’igabire zabo zakiza indwara imwe mur’izo.

2) Ingabire y’ukwizera no gukora ibitangaza: ingabire y’ukwizera n’iyo gukora ibitangaza zihakwa kwitiranywa. Izo ngabire zompi, umuntu azifise igihe agomba gukoreshwa igitangaza ahabwa ukwizera kudasanzwe mu kanya isase ikidashobora kigashoboka. Itandukaniro riri hagati y’izo ngabire isobanurwa uku: uwufise ingabire yo kwizera, ahabwa ukwizera gutuma yakira igitangaza ciwe ubwiwe, mu gihe uwufise ingabire yo gukora ibitangaza, ahabwa ukwizera kwo gukora igitangaza kubw’uwundi muntu.

Ingabire yo kwizera har’igihe yitwa “ukwizera kudasanzwe” kuko ar’ubushobozi buza ku muntu mu kanya nk’ako gukubita urugohe akisanga ari mu kwizera kurengeye kumwe tumenyereye. Mu bisanzwe ukwizera kuzanwa no kwumva isezerano ry’Imana, ariko uko kwizera kudasanzwe kuzanwa no guhabwa na Mpwemu Yera ubushobozi giturumbuka. Abamaze kuba mur’iyi ngabire yo kwizera kudasanzwe bavuga kw’ibintu bari bazi ko bidashoboka baca babona ko bishoboka buno nyene , kanatsinda basanga gukekeranya bitagishoboka. N’ingabire yo gukora ibitangaza ni nk’uko nyene.

Inkuru y’abagenzi batatu ba Daniyeli, Shaduraka, Meshaki, na Abedinego yerekana ingene “ukwizera kudasanzwe” gutuma umuntu adashobora gukekeranya. Igihe batererwa mw’itanure kuko banes gusenga ikigirwamana c’umwami, baciye bahabwa ingabire y’ukwizera kudasanzwe. Bisaba kugira ukwizera kudasanzwe ngo ushobore kuguma muzima uterewe mu birimi vy’umuriro nya muriro! Reka turabe ubwoko bw’uku kwizera iyi misore yerekanye iri imbere y’umwami:

Shaduraka na Meshaki na Abedunego bishura umwami Nebukadineza, bati “Ntiturinda tugira ico tukwishura kur’iryo jambo. Asangw’ari ko bimeze, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza mur’iryo tenure ry’umuriro uhinda; kandi ntiyobura kudukiza mu kuboko kwawe, mugenzi. Ariko naho bitoba birtyo, umenye mugenzi, ko tutosaba imana zawe, canke ngo dusenge ico gishushanyo c’izahabu wahagaritse” (Dan. 3:16-18, dushimikiye ku nsobanuro).

Menya kw’ingabire yatanguye gukora batara tabwa no mw’itanure. Nta gukekeranya kw’Imana igiye kubarokora mur’iryo tanure.

Eliya yakoreye mu ngabire y’ukwizera kudasanzwe igihe yafungurirwa n’ibisiga ca gihe c’ikigoyi c’imyaka itatu n’igice aho Ahabu umwami mubi yatwara (raba 2 Abam. 17:1-6). Bisaba ukwizera kurengeye kumwe tumenyereye kugira ushobore kwizera kw’Imana ishobora gukoresha ibisiga bikuzanire indwa ku murango no mw’ijoro. Nah’ata hantu na hamwe Imana yadusezeranye kw’izotuma ibisiga bituzanire ivyo kurya buri musi, turashobora gukoresha ukwizera gusanzwe kandi Imana ikishura imitwaro yacu—kukw’iryo ar’isezerano (raba Mat. 6:25-34).

Gukora ibitangaza vyari no mugikorwa ca Mose. Yakoreye mur’iyi ngabire igihe yacamwo kubiri amazi y’ikiyaha gitukura (raba Kuv. 14:13-31) n’igihe Egiputa yakubitwa n’ivyago.

Yesu yarakoreye mur’iyo ngabire y’ibitangaza igihe yahaza abagabo 5,000 mu kurwiza amafi n’imitsima mikeya (raba Mat. 14:15-21).

Igihe Paulo yategeka ko Eluma umunyamareba ahuma umwanya mutoya igihe yar’i Kupuro, birashobora kuba akarorero ko gukorera mu ngabire y’ibitangaza (raba Ivyak. 13:4-12).

Ingabire Zihishura (The Revelation Gifts)

1). Ijambo ry’ubwenge n’ijambo ryo kumenya: Ingabire y’ijambo ryo kumenya isobanurwa kenshi nk’ububasha buza ku muntu mu kumumenyesha ibintu kanaka, vyo muri kahise canke kubu. Imana, nyen’ukumenya kwose, har’igihe iha umuntu agace k’uko kumenya, ari na co gituma yitwa ijambo ryo kumenya. Ijambo n’igice c’iryungane, kandi ijambo ryo kumenya n’agace k’ukumenya kw’Imana.

Ijambo ry’ubwenge rigomba kwitiranywa n’ijambo ryo kumenya, ariko risobanurwa nko guhabwa ububasha kanaka butuma umenya ibizokoreka muri kazoza. Ubwenge bur’imwo agace ko kumenya ibizoba. Ubugira kandi, menya kw’izo nsobanuro ar’izo abantu biyumvira.

Reka turabe akarorero k’ijambo ryo kumenya dusanga mw’Isezerano rya Kera. Elisa amaze guhumanura Nahamani umunyasiriya, Nahami aha Elisa amafaranga menshi amushimira kuko yamukijije. Elisa yanka iyo ngabire, kugira ngo ntihagire umuntu yiyumvira ko amafaranga ya Nahamani ari yo yamukijije kandi yakize kubw’ubuntu bw’Imana. Umukozi wa Elisa, Gehazi, we, abona kw’ariwo mwanya wogutunga kwiwe, maze yiyakirira bimwe mu vyo Nahamani yari yategekanije kuriha umuntu amuvura. Nahamani amaze kunyegeza amafaranga yaronse mu nzira mbi, atonda kwa Elisa. Niho dusoma ibikurikira,

Elisa aramubaza, ati “Uvuye hehe ga Gehazi?” Uwundi at’”Eka ntaho nagiye.” Aramubarira, ati “Mbeg’ugira umutima wanje ntiwajanye nawe, igihe wa mugabo yava mu mukogote wiwe agahindukira ngo muhure?” (2 Abam. 5:25b-26a).

Imana, yar’izi igikorwa kibi Gehazi yakoze, igihishurira Elisa mu buryo butangaje. Iyi nkuru irabigaragaza, uko bimeze kwose, Elisa nti “yaganza” ingabire y’ijambo ryo kumenya; bisigura yukw’atar’azi ikintu na kimwe ku muntu n’umwe. Iy’aba azi vyose, Gehazi ntayari kwiyumvira na gato kunyegeza icaha ciwe. Elisa yamenya ibintu igihe Imana ibimumenyesheje igihe kanaka. Iyo ngabire yakora ukwo Mpwemu yishakiye.

Yesu yakoreye mw’ijambo ryo kumenya igihe yabwira wa mugore kw’iriba ry’i Samariya ko yar’afise abagabo batanu (raba Yohana 4:17-18).

Petero yakoreshejwe mur’iyi ngabire y’ijambo ryo kumenya igihe yamenya yukw’ Ananiya na Safira bariko babesha ishengero ko bazanye amafaranga yose bagurishije itango ryabo (raba Ivyak. 5:1-11).

Ingabire y’ijambo ry’ubwenge, tubona ingene yakora ku bavugishwa n’Imana mw’Isezerano rya Kera. Igihe cose bavuga ibizoba muri kazoza, ryar’ijambo ry’ubwenge rivuye muri bo. Yesu na we yarakoreye mur’iyo ngabire cane. Igihe yavugishwa avuga ko Yerusalemu izosamburwa, avuga kw’azobambwa, avuga ku magorwa isi izobona imbere y’ukw’agaruka ubugira kabiri (raba Luka 17:22-36, 21:6-28).

Intumwa Yohana yakoreshejwe mur’iyo ngabire mu kuvuga ku mateka y’igihe c’ihamwa nk’uko yabihishuriwe. Ivyo tubisanga mu gitabo c’ivyahishuriwe Yohana.

2). Ingabire yo kurobanura impwemu: ingabire yo kurobanura impwemu n’ububasha giturumbuka butuma umuntu amenya canke abona ibiriko bikorerwa mw’isi y’impwemu.

Ukwerekwa, uwizera aronse , kurashobora gushirwa mu gitigiri co kurobanura impwemu. Iyo ngabire ishobora gutuma uwizera abona abamarayika, abadayimoni, canke Yesu ubwiwe, nkuko vyashikiye Paulo kenshi (raba Ivyak. 18:9-10; 22:17-21; 23:11).

Igihe Elisa n’umukozi wiwe bakurikiranwa n’ingabo za Siriya, bisanze bakikujwe mu gisagara citwa Datoni. Bakiri ngaho, arunguruka acishiriza kw’idirisha abona ku mpome z’igisagara, amasinzi y’abasoda abakikuje, umutima uramwanka:

[Elisa] aramwishura, ati “Nta co utinya, kukw’abo turikumwe ni benshi kuruta abari kumwe na bo.” Maze Elisa arasenga, at’”Uhoraho ndakwinginze, muhumure amaso, arabe.” N’uk’Uhoraho ahumura amaso y’uwo musore, araraba, abona umusozi wuzuyekw’amafarasi n’imikogote vy’umuriro bikikije Elisa” (2 Abam. 6:16-17).

Waruzi kw’abamarayika badukikije bafise amafarasi n’imikogote yo mu buryo bwa mpwemu? Uzobabona umusi umwe mw’ijuru, arik’umukozi wa Elisha yarahawe akaryo ko kubibona akira kw’isi.

Mur’iyi ngabire, uwizera arashobora kumenya impwemu mbi ibangamiye umuntu kanaka.

Iyi ngabire ntiyoba iyo kubona mu mpwemu gusa ariko no gutahura ibintu mur’iyo si nyene y’impwemu, nk’ukw’Imana ishaka.

Rero, iyi ngabire, ntimeze nk’uko bamwe bavyiyumvira, “ingabire yo kurobanura impwemu.” Abantu biyumvira ko bakorera mur’iyi ngabire biyumvira ko bashobora kumenya ikiri mu mutima w’uwundi, arikw’ingabire yabo ishobora gusobanurwa nk’” impwemu yogucira abandi imanza no gusuzugura abandi.” Ukuri ni, utegerezwa kuba waronse iyo “ngabire” utarakizwa, rero ubu k’umaze gukizwa, Imana iragomba kuyigukurako burundu!

Ingabire Zo Kuvuga (The Utterance Gifts)

1). Ingabire yo kuvugishwa n’Imana: ingabire yo kuvugishwa n’Imana n’ubushobozi giturumbuka bushoboza umuntu ivyo ahumekewe na Mpwemu ariko akavuga mu rurimi rwumvikana. Irashobora gutanguzwa na, “nik’Uhoraho agize.”

Iyi ngabiri iratandukanye no kuvuga ubutumwa canke kwigisha. Gusigura no kwigisha bihumekewe usanga birimwo agace k’ubuhanuzi kuko bahumekewe na Mpwemu Year, ari ntaba ar’ubuhanuzi nk’uko tubizi. Kenshi umusiguzi cank’umwigisha ahumekewe ashobora kuvuga ibintu bije muri we ariko atigeze ategura, n’aho ata ar’ubuhanuzi koko, ariko turazi ko bushobora kuba ubuhanuzi.

Ingabire yo kuvugishwa n’Imana ubwayo ikorera kwubaka, guhanura no kuremesha:

Arik’uwuvugishwa n’Imana, abarira abantu ivyo kubakomeza n’ivyo kubahanura n’ivyo kubirura (1 Kor. 14:3).

Rero ingabire yo kuvugishwa n’Imana, ubwayo, nta guhishurirwa igira. Bisigura kw’idahishura ikintu na kimwe muri kahisi, kubu na kazoza nk’ijambo ryo kumenya cank’iry’ubwenge. Nk’uko maze kubivuga, ingabire za Mpwemu zirashobora gukorana ari zibiri canke zirenga mur’ico gihe ni ho ijambo ryo kumenya cank’ ijambo ry’ ubwenge zishobora gukorana n’ingabire yo kuvugishwa n’Imana.

Igihe twumvise umuntu asohora ubuhanuzi mw’ikoraniro, ntuba twumvise ukuvugishwa n’Imana gusa; tuba twumvise ijambo ry’ubwenge rivuye mur’iyo ngabire yo kuvugishwa n’Imana. Ingabire yo kuvugishwa n’Imana muri rudende yo gereranywa n’igihe umuntu atubwiye ijambo riri muri Bibiliya ati “Mukomezwe mu nkomezi z’ububasha bw’Imana” canke “Ntaho nzigera nkuheba canke nkwibagire.”

Bamwe biyumvira k’ubuhanuzi bw’iki gihe c’Isezerano Rishasha budategerezwa kugira “ijambo ryo gukankama,” kuko ntiryoba rije “kwubaka no guhanura canke kwirura.” Niyimvira yukw’atari vyo. Gushingira Imana akarimbi ntibwire abana bayo ivy’igomba vyose, kugira ngw’ivuga “ibiryohera amatwi gusa” kandi hageze kubakankamira, n’ukwishira hejuru y’Imana. Gukankama birashobora guharurwa mu mugabane wo kwubaka no guhanura. Nibuka ijambo ry’Umwami ku mashengero ndwi yo muri Asiya, nk’uko vyanditswe mu vyahishuriwe Yohana, ririmwo gukankama. None tuvyanke? Oya.

2). Ingabire yo kuvuga mu ndimi no kuzisobanura: Ingabire yo kuvuga indimi nyinshi n’ububasha buza giturumbuka ku muntu mu rurimi atazi. Iyo ngabire iherekezwa n’ingabire yo gusobanura izo ndimi, ari nabw’ububasha giturumbuka bwo gusobanura ururimi rutamenyekana.

Iyi ngabire yitwa gusobanura indimi s’uguhindura indimi. Rero ntidukwiriye kwitega kubwirwa ijambo ku rindi ry’ibiriko biravuhwa mur’iryo ganuke ry’indimi nyinshi. Kubw’ivyo birashoboka k’uronka “iganuke ritoya havuzwe ndimi nyinshi”. Cank’insobanuro ndende havuzwe indimi nkeya, gurtyo na gurtyo.

Ingabire yo gusobanura indimi nyinshi igereranywa n’ingabire yo kuvugishwa n’Imana kukw’ataguhishurirwa kuba kurimwo kandi iza kuremesha no kwubaka no kwirura abera , nk’ukobiri 1 Ab’I Korinto 14:5, indimi nyinshi ugashirako insobanuro yazo bitanga kuvugishwa n’Imana:

Kand’uwuvugishwa n’Imana niwe mukuru gusumba uwuvuga mu ndimi nyinshi, kiretse azisobanuye, kugira ngw’ishengero ryubakwe.

Nk’uko natanguye kubivuga, nta mpanuro cank’inyigisho z’ikoreshwa ry’ingabire z’ubushobozi dusanga muri Bibiliya, nkeya dusangayo zivuga kw’ikoreshwa ry’ingabire zihishura, ariko kenshi cane izo dusangayo zivuga ku ngabire zo kuvuga. Kuko har’iho kuzazanirwa mw’ishengero ry’i Korinto kubera gukoresha nabi izo ngabire, Paulo yarahebeye ico kibazo igice cose ca cumi na kane c’icete ca mbere candikiwe ab’i Korinto.

Ikibanzo ca mbere ni ikoreshwa ry’ingabire yo kuvuga indimi nsha, kuko nk’uko tumaze kubibona mu gice no kubatizwa muri Mpwemu Yera, uwizera wese amaze kubatizwa muri Mpwemu Yera afise ububasha bwo kuvuga mu ndimi nsha igihe cose yishakiye. Ab’i Korinto bavuga mu ndimi nsha cane iyo bakoranye, ariko na vyo nyene bakabigira mu mivurungano.

Ingene Ingabire yo Kuvuga Izindi Ndimi Ikoreshwa

(The Different Uses of Other Tongues)

Ni nkenerwa cane ko dutahura itandukaniro riri hagari yo gukoresha indimi zitamenyeka mu bantu hamwe no kuzikoresha wiherereye. N’aho uwizera wese amaze kubatizwa muri Mpwemu Yera ashobora kuvuga ururimi rutamenyekana ah’ashakiye hose, ntibisobanura kw’Imana ica imukoresha muri ya ngabire yo kuvuga ururimi rutamenyekana ku nyungu y’ishengero. Intumbero ya mbere y’ikoreshwa ry’ururimi rutamenyekana wiherereye ni kwishikanira Imana. Ab’i Korinto, barakorana bagaca batangura kuvuga mu ndimi bose ata n’umwe asobanura ivyo bavuga, kandi rero, nta muntu n’umwe yubakwa cank’afashwe n’ivy’uwundi avuga (raba 1Kor. 14:6-12, 16-19, 23, 26-28).

Inzira yo gutandukanya ingabire y’ururimi rusha ruvugwa ku nyungu y’ishengero ryose cank’ingabire y’ururimi ruvugwa wiherereye ku nyungu ya wewe nyene ni uko ururimi ruvugirwa mu mwiherero vyitwa gusenga mu ndimi nsha ariko ururimi ruvugwa ku nyungu y’ishengero rwitwa kuvuga mu ndimi nsha. Paulo yarabivuze ko mu gice ca cumi na kane c’icete yandikiye ab’i Korinto. Itandukaniro riri hehe?

Iyo dusenga mu ndimi nsha, n’impwemu yacu iba iriko irasenga Imana (raba 1Kor. 14:2, 14). Ariko, igihe umuntu asizwe amavuta giturumbuka yo kuvuga mu zindi ndimi, kukw’Imana igomba kuvugana n’ishengero ryayo (raba 1Kor. 14:5), ubimenya igihe Imana iciye itanga gusobanura urwo rurimi.

Nkukw’ivyanditswe bibivuga, dushobora gusenga mu ndimi nsha nkuko dushaka (raba 1Kor. 14:15), arikw’ingabire yo kuvuga izindi ndimi ikora nkuko Mpwemu Yera avyishakiye (raba 1Kor. 12:11).

Ingabire yo kuvuga mu zindi ndimi iherekezwa n’ingabire yo gusobanura izo ndimi nsha. Gusenga mu ndimi kubw’inyungu zawe, ntibisaba ko hagira ingabire yo gusobanuro urwo rurimi rusha. Paulo yavuzekw’igihe asenga mu ndimi nsha ubwenge bwiwe buragumbaha (raba 1 Kor. 14:14).

Igihe umuntu asenga mu ndimi aba arikw’ariyubaka wenyene (raba 1 Kor. 14:4), arikw’ ikoraniro ryose ryubakwa igihe ingabire yo kuvuga izindi ndimi itanguye gukora kandi iherekejwe n’ingabire yo gusobanura indimi (raba 1 Kor. 14:4b-5).

Uwizera wese ategerezwa gusenga mu ndimi imisi yose kugira ateze imbere imigenderanire yiwe n’Umwami. Ikintu ciza kiri mu gusenga mu ndimi ntibisaba ubwenge bwawe kugira ico bukora. Urashobora gusenga mu ndimi n’igihe ubwenge bwawe buba buriko burakora ibindi. Paulo yabwiye ab’i Korinto, “Nshimira Imana yuko mbarusha mwese kuvuga mu ndimi zitamenyekana”(1 Kor. 14:18, hongeweko insobanuro). Yategerezwa kuba afata akanya gakwiye ko kuvuga mu ndimi kugira ashik’aho arusha ishengero ry’ ab’i Korinto!

Paulo yaravuze kandi yukw’igihe dusenga mu ndimi nsha, tuba turiko “dushima Imana” (1 Kor. 14:16-17). Gatatu kose “ururimi rwanje rutamenyekana”igihe nsenga ndamaze kwumva abantu bene urwo rurimi bambwira ivyo nasenze. Aho hose navuga mu kiyapani. Rimwe nabwiye Imana mu kiyapani, nti “Uri mwiza cane.” Ikindi gihe mvuga. Nti “Urakoze cane.” Ikindi gihe mvuga, nti “Nuze vuba, nuze vuba, ndakurindiriye.” Mbega ntibitangaje? Sinigeze n’iga n’ijambo rimwe ry’ikiyapani, arikw’incuro zitatu zose “narashimye Umwami” mu rurimi rw’ikiyapani!

Impanuro ya Paulo Igihe Tuvuga Izindi Ndimi

(Paul’s Instructions for Speaking in Tongues)

Impanuro ya Paulo kw’ishengero ry’i Korinto yarumvikana cane. Mw’ikoraniro iryariryo ryose, abantu bari bemerewe kuvugira izindi ndimi hejuru bari babiri canke batatu. Kandi bose ntibashobora kuvugira rimwe, ariko bategerezwa guhana imbu mu kuvuga (raba 1Kor. 14:27).

Paulo ntiyavuze gusa yuko “izindi ndimi” zivugwa n’abantu batatu, yavuze kandi ko kizira abantu barenga batatu bavuga mu ndimi mw’ikoraniro iryari ryo ryose. Biyumvira ko hagize abantu batatu bakunda kuvugishwa mu zindi ndimi, umwe wese muri bo ashobora kurindira Mpwemu Yera akamuha “iganuke mu rundi rurimi” nkuko Mpwemu agomba kwigaragaza mw’ishengero ryiwe. Si ko bimeze, impanuro ya Paulo yarigushobora gushingira Mpwemu Yera akarimgi mu gushinga akarimbi k’igitigiri c’abantu bategerezwa gutanga ubuhanuzi kw’ikoraniro. Iyo Mpwemu ataba ashobora guha iyo ngabire abantu barenga batatu mw’ikoraniro rimwe, Paulo ntiyari kurinda abivugako.

Niko bimeze no ku ngabire yo gusobanura izindi ndimi. Vyiyumvirwa yuko abantu barenga umwe bashobora kurindira Mpwemu gushika abahaye insobanuro “ururimi rutamenyeka.” Abo bantu bakwitwa “abasobanuzi b’indome ku yindi” (raba 1 Kor. 14:28), igihe cose bakoreshejwe mur’iyo ngabire yo gusobanura izindi ndimi. Namba bimeze gurtyo, ivyo Paulo yahanura, aho yavuga ati, “hagire umuntu umwe abisobanura” (1 Kor. 14:27). Kumbure ntiyarikw’avuga yuk’umuntu umwe gusa ari we ategerezwa gusobanura indimi zose zitamenyekana zivugirwa ngaho; ahubwo yahanura ko “batosigana canke bahiganire gusobanura “ ubuhanuzi bumwe nyene. Igihe umusobanuzi umwe asobanuye ubuhanuzi buri mu rurimi rumwe rutamenyekana, ni ho uwundi musobanuzi atari yemerewe gusobanura ubwo buhanuzi nyene, naho yiyumvira kw’ari we yatanze insobanuro nziza cane.

Muri rusangi, vyose bitegerezwa kugirwa “neza kandi mu rutonde” mw’ishengero—ntihakwiriye kuba urudavagi rw’insobanuro zizazanira abantu. Vyongeye, abizera bategerezwa kwubaha abandi bizera bari mw’ikoraniro, nkuko Paulo yanditse:

Nukw’ishengero ryose, iyo rikoraniye hamwe, bose bavuga indimi zitamenyekana, hakinjiramw’abantu cank’abatizera ntibovuga yuko mwasaze? (1 Kor. 14:23).

Ico ni co car’ikibazo mw’ishengero ry’i Korinto—bose bavugira rimwe mu zindi ndimi, kandi kenshi na bazisobanura bariho.

Impanuro Zijanye n’Ingabire zo Guhishura

(Some Instruction Concerning Revelation Gifts)

Paulo yaratanze impanuro zijanye n’”ingabire zo guhishura” n’ingene zikoreshwa n’abavugishwa n’Imana:

Kandi n’abavugishwa n’Imana bavuge ari babiri canke batatu, abandi babigenzure. Arik’uwundi yicaye niyagira ico ahishurirwa, uwabanje ahore. Kuko mwese mushobora kuvugishwa n’Imana umwe-umwe, ngo bose bige, ngo bose bahanurwe. Impwemu z’abavugishwa n’Imana ziganzwa na bo: kukw’Imana atar’iy’umuvuru- ngano, ariko n’iy’amahoro. Nk’uko bimeze mu mashengero yose y’abera (1 Kor. 14:29-33).

Nk’uko har’abanyeshengero b’i Korinto benshi bakoreshwa mu ngabire yo gusobanura izindi ndimi bari bazwi nk’”abasobanuzi,” ni ko har’abantu bakoreshwa cane mu ngabire yo kuvugishwa n’Imana bazwi nk’ “abavugishwa n’Imana.” Aba ntibashobora kugereranywa n’abavugishwa n’Imana bo mw’Isezerano rya Kera cank’uwitwa Agabo mw’Isezerano Rishasha (raba Ivyak. 11:28; 21:10). Ahubwo, igikorwa cabo ca garukira mw’ishengero barimwo.

Kuko vyashika hakaba abavugishwa n’Imana barenga batatu mw’ikoraniro rimwe, Paulo yongeye gushinga akarimbi, avuga yukw’”abavugishwa n’Imana bategerezwa kuba babiri canke batatu.”ibi birasubira kutwereka yukw’igihe Mpwemu Yera atanze ingabire mw’ishengero, umwe canke batatu bategerezwa kurindira gushika aho bakira izo ngabire. Namba bimeze gurtyo, impanuro ya Paulo yotuma Mpwemu atagitanga impanuro zungura umubiri wose, kuko yashingiye Mpwemu akarimbi k’abantu bategerezwa kuvuga.

Igihe har’abavugishwa barenga batatu, abo barengako, n’aho babujijwe kuvuga, barashobora gufasha gusuzuma y’ukw’ivyacuzwe ari vyo. Ibi kandi vyerekana ububasha bafise bwo kurobanura impwemu kandi bisobanura ko na bo bashobora kurindira Mpwemu Yera abakoreshe mu ngabire arikw’akoreshamwo abandi nkukw’avyishakiye. Ahandi ho bashobora gusuzuma ubuhanuzi n’uguhishurirwa muri rusangi, mu kwemezwa ko bijanye n’uguhishurirwa Imana iriko irabaha (nkuko bimeze mu vyanditswe), ikintu uwizera wese ashobora gukora iyo akuze mu kwizera.

Paulo yavuze yukw’aba bavugishwa n’Imana bategerezwa kuvugisha bakurikirana (raba 1Kor. 14:31) kandi kw’“impwemu z’abavugishwa ziganzwa na bo” (1 Kor. 14:32), vyerekana k’umuvugishwa wese ashobora kwigumya nta ciremwo uwundi, n’ah’aba ahawe ubuhanuzi cank’uguhishurirwa kuva kuri Mpwemu ashaka kubwira ishengero, arik’umwe wese ashobora gusuzuma ibitangwa n’uwundi abwira umubiri wose.

Ni co kimwe n’ingabire zo kuvuga zikoreshwa mu bizera. Igihe umuntu ahawe iganuke mu rurimi rutamenyekana cank’ubuhanuzi bivuye ku Mwami, arashobora kubiguma gushika igihe ciza mw’ikoraniro. Vyoba bibi cane gucira hagati ubuvugishwa bw’uwundi cank’inyigisho kugira utange ubuhanuzi Imana iguhaye.

Igihe Paulo yavuga, ati “Mwese mushobora kuvugishwa n’Imana umwe-umwe” (1 Kor. 14:31), ibukako yarikw’abwira abavugishwa n’Imana baronse uubuhanuzi. Har’abantu bakuye amajambo ya Paulo mu yandi, bigisha k’umuntu wese ashobora kuvugishwa igihe cose bakoranye. Ingabire yo kuvugishwa itangwa nk’uko Mpwemu avyishakiye.

Mur’iki gihe, kiruta ibindi bihe vyose, ishengero rirakenye imfashanyo ya Mpwemu Yera, ububasha bwiwe, ukubaho kwiwe n’ingabire ziwe. Paulo yahanuye abizera b’i Korinto “kwifuza cane ingabire za Mpwemu, cane cane kuvugishwa n’Imana” (1 Kor. 14:1). Ibi vyerekanak’urugero rwacu rwo kwifuza rutegerezwa kugaragarira mu ngabire za Mpwemu, ahandi ho Paulo ntiyari gutanga iyo nyigisho. Umukozi agira abigishwa, yifuza gukoreshwa kubw’icubahiro c’Imana, azokwifuza ingabire za Mpwemu kandi yigishw n’abigishwa biwe kugira nk’uko nyene.

To subscribe to David Servant's periodic e-teachings, click here.


Kirundi » Ingabire za Mpwemu (The Gifts of the Spirit)

Ishingiro ryo Kwizera (Fundamentals of Faith)

Igice ca Cumi na Kane (Chapter Fourteen)

Kand’uwutizera ntibishoboka kw’ayihimbara; kuk’uwegera Imana akwiye kwizera yukw’iriho, igaha impera abayirondera (Heb. 11:6).

Nk’abizera, ukwizera kwacu kwubakiye ku rufatiro rwo kwemera kw’Imana iriho, kandi idafata co kimwe abayirondera hamwe n’abatayirondera. Igihe twizeye koko ivyo bintu bibiri, duca dutangura guhimbara Imana, kuko tubadutanguye kuyirondera. Kurondera Imana ni (1) kwiga ubugombe bwayo, (2) kuyumvira, hamwe no (3) kwizigira amasezerano yayo. Ivyo bintu bitatu ni vyo biranga ubuzima bwacu bwa misi yose.

Iki gice kivuga cane ingene tugendera mu kwizera. Birababaje kubona abantu basobanura ukwizera gushika aho kurwanya inyigisho za Bibiliya, cane cane kuvy’ubutunzi bwo kw’isi. Kubw’iyo mvo, har’abandi batagomba no kwumva ku vyo kwizera. Umuntu asomye nturi mu ruzi ntibituma tudasubira kunywa ku mazi yarwo. Turashobora kugira urugero rwiza no kuguma mu vy’ivyanditswe vyigisha. Bibiliya ifise vyinshi itwigisha mur’iki cigwa, kand’Imana ishaka ko dushira ukwizera mu masezerano yayo.

Yesu ni we karorero keza k’umuntu afise ukwizera mu Mana, kandi yiteze kw’abigishwa biwe bigira kuri we. Nkuko nyene, umukozi agira abigishwa akubitirwa kuba akarorero keza ku kwizera Imana, kandi yigisha abigishwa biwe kwizera amasezerano y’Imana. Ibi ni ngirakamaro cane. Ntidushobora guhimbara Imana tutagira ukwizera, kandi n’amasengesho yacu ntashobora kwishurwa tutagira ukwizera (raba Mat. 21:22; yak. 1:5-8). Ivyanditswe vyigisha kw’abakekeranya badashobora kuronka imigisha abizera baronka. Yesu yaravuze ko, “Vyose bishobokera uwizera” (Mariko 9:23).

Gusobanura Ukwizera (Faith Defined)

Insobanuro ya Bibiliya y’ukwizera iri mu cete candikiwe Abaheburayo 11:1:

Ukwizera n’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kandi ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha kw’ar’ivy’ukuri.

Dufatiye kur’iyi nsobanuro, turabona ibintu bitandukanye biranga ukwizera. Ica mbere, uwufise ukwizera agira ukudakekeranya, cank’icemezo. Ibi bitandukanye n’ivyizigiro, kubera yuk’ukwizera “ni kumenya rwose ivyizigirwa.” Kwizigira guha ikibanza ugukekeranya. Ivyizigiro vyama bivuga ngo “kumbure.” Akarorero mvuze nti, “ndizigiye kw’imvura iza kurwa uyu musi kugira umurima wanje uvomerwe.” Ndifuza imvura, ariko sinzi neza kw’ihava igwa. Ariko, kwizera, kwama kuzi neza yuko biba, “kumenya rwose ivyizigirwa.”

Ivy’abantu bita ukwizera , ivyizerwa, kenshi usanga atar’ukwizera nkuko Bibiliya igusobanura. Barashobora kubona ibicu vyirabuye, ni akarorero, ugaca wumva ngo, “Ndizera kw’imvura ihava igwa.” Kandi usanga batazi neza kw’ihav’igwa—ico bakora gusa biyumvira yukw’ata cobuza kw’imvura igwa. Uko s’ukwizera kwa Bibiliya. Ukwizera kwa Bibiliya ntikugira ugukekeranya. Nta kibanza guha ibindi bintu shiti ivyasezeranwe n’Imana gusa.

Ukwizera n’Icemezo c’Ibintu Bitaboneka (Faith is the Conviction of Things Not Seen)

Insobanuro dusanga mu cete candikiwe Abaheburayo 11:1 yerekana kandi yukw’ “ibitabonwa ni kwo kumenyesha kw’ar’ivy’ukuri.” Igihe tubona canke twumva ikintu n’umubiri wacu, nta kwizera kuba gukenewe.

Iyumvire nk’umuntu yokubwira ubu nyene ati, “n’aho ntashobora kubisobanura, ndizera k’ufise igitabo mu kuboko kwawe.” Urashobora kwiyumvira ko har’ikitagenda neza kur’uyo muntu. Uc’umubwira uti, “Namba na gato, ntukeneye kwizera ko mfise igitabo mu maboko, kuko ubona neza ko ndagifise.”

Ukwizera gukorera mw’isi itaboneka. Akarorero, igihe nandika aya majambo, ndizera ko har’umumarayika i ruhande yanje. Kandi, ndabizi ntakekeranya. Ni kuki ndavyizera? Ndamaze kubona umumarayika? Oya. Mbega ndamaze kubona canke kwumva umumarayika aguruka i ruhande yanje? Oya. Iyo noba maze kubona kwumva canke gukora ku mumarayika ari i ruhande yanje—noba ndabizi gusa.

None n’igiki gituma nemera ko har’umumarayika i ruhande yanje? Ukwizera kwanje guhagaze kw’isezerano ry’Imana. Muri Zaburi 34:7, yarasezeranye ko, “Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’abamwubaha, akabarokora.” Nta kintu na kimwe mfise gituma nizera atari ijambo ry’Imana gusa. Ni ko kwizera kwa Bibiliya— “ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha yukw’ar’ivy’ukuri.” Abantu bo mw’isi bakoresha ijambo, “Kubona ni kwo Kwizera.” Ariko mu bwami bw’Imana igihushanye c’ivyo ni co kuri: “Kwizera ni ko kubona.”

Igihe dushize ukwizera mu masezerano y’Imana, duca mu bintu bituma dushobora gukekeranya, canke tugaca mu bihe aho umenga Imana ntishikije amasezerano yayo kukw’ibihe turimwo bidahinduka. Mu bihe nk’ivyo, wewe guma mu kwizera, kandi ugeme wizera mu mutima kw’Imana ishitsa ijambo ryayo. Ntizi kubesha (raba Tit. 1:2).

Turonka Gute Ukwizera? (How Do We Acquire Faith?)

Kubera yuk’ukwizera kwubakwa ku masezerano y’Imana gusa, ukwizera kwa Bibiliya gufise isoko imwe gusa—Ijambo ry’Imana. Abaroma 10:17 haravuga ngo, “Nuk’ukwemera kuva ku kwumva, n’ukwumva kuzanwa n’ijambo ry’Imana rya Kristo (Rom. 10:17, hongeweko insobanuro). Ijambo ry’Imana ni ryo rihishura ubugombe bwayo. Igihe tumenye ubugombe bw’Imana ni ho dushobora kubwizera.

Rero namba ugomba kugira ukwizera, utegerezwa kwumva (canke gusoma) amasezerano y’Imana. Ukwizera ntikuzanwa no gusenga, kwisonzesha canke kurambikwak’ibiganza. Kuzanwa no kwumva ijambo ry’Imana, kandi utegerezwa guhitamwo kuryakira no kuryizera.

Hejuru yo kuronka ukwizera, ukwizera kwacu kurashobora gukura. Bibiliya yerekana intambuko zitandukanye zo kwizera—uhereye ku kwizera gutoya ugashitsa ukwizera guterura imisozi. Ukwizera gukura kandi kukamenyerezwa, nk’imitsi y’umuntu. Dutegerezwa gushishikara kugaburira ukwizera kwacu biciye mu kwiyumvira ijambo ry’Imana. Na ca gihe duca mu bibazo, ubwoba no kwiganyira cane. Imana ntishaka kw’abana bayo biganyira, ahubwo ishaka ko bayizera mu kintu cose kigize ubuzimana (raba Mat. 6:25-34; Flp. 4:6-8; 1 Pet. 5:7). Kwanka kwiganyira n’inzira imwe yo kwizera.

Namba twizeye vy’ukuri ivyo Imana yavuze, tuzokora no kuba mu buzima bwiza. Namba twizera ko Yesu ar’Umwana w’Imana, azoba kandi uvuge nk’umuntu avyizera. Iyo wizeye kw’Imana izokumara ubukene, uzovuga kandi ube mur’ubwo buzima. Iyo wizeye kw’Imana igomba kuguha amagara meza, uzovyatura kandi ubibemwo. Bibiliya yuzuye uturorero tw’abantu, hagati y’ibibagerageza vyinshi, bagendeye ku kwizera bafise mu Mana kandi bahawe ibitangaza nk’impera. Turaraba bimwe mur’ivyo mur’iki gice no mu gice co gukira kuva mw’ijuru. (ushaka utundi turorero twiza, raba 2 Abam. 4:1-7; Mariko 5:25-34; Luka 19:1-10; n’ivyakozwe n’intumwa 14:7-10.)

Ukwizera Kuba mu Mutima (Faith is of the Heart)

Ukwizera kwa Bibiliya ntigurana n’ubwenge bwacu, ahubwo gukorera mu mitima yacu. Paulo yanditse ati, “Kuk’umutima ari wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka” (Rom. 10:10a). Yesu aravuga ati,

Ndababwira ukuri y’uk’umuntu wese yobwira uyu musozi uyu musozi, ati “Shinguka utabwe mu kiyaga,” ntabikekeranye mu mutima, arikw’akizera yukw’ico avuze gikorwa, azokibona (Mariko 11:23, hongweko insobanuro).

Birashoboka cane gukekeranye mu mutwe arik’ukagira ukwizera mu mutima bigatuma wakira ivyo Imana yasezeranye. Kanatsinda, igihe cose duhisemwo kwizera amasezerano y’Imana, ubwenge bwacu, kubera ivyo twiyumvamwo mu mubiri n’ibinyoma vya Satani, duterwa n’ugukekeranya. Aho ni ho dukenera gukuraho ivyiyumvira vyo gukekeranya tukabisubiriza amasezerano y’Imana kandi tukaguma twizeye tudahugumbwa.

Amakosha Agirwa mu Kwizera (Common Faith Mistakes)

Igihe tugerageje kugira ukwizera mu Mana, birashika ntituronke ico twifuza kuko tutisunze ijambo ry’Imana. Rimwe mu makosha amenyerewe gukorwa ni igihe dushize ukwizera ku bintu Imana itadusezeranye.

Akarorero, ivyanditswe biremera kw’abubakanye bizera Imana ibahe ivyara kukw’amasezerano y’Imana arimwo isezerano bashobora guhagarara ko. Ndaz’umuryango w’abakristo babwiwe n’abaganga ko badashobora kuvyara. Bahitamwo, hamwe n’ivyo, kwizera Imana, bahagarara ku masezerana abiri akurikira, kand’ubu bitwa abavyeyi b’abana beza cane:

Ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe musaba, nanje nzohezagira ivyo kurya vyanyu n’amazi yanyu, kandi nzokura indwara muri mwebwe. Mu gihugu canyu nta wuzokoresha inda, ntawuzoba intavyara: Ibitigiri vy’imisi y’ukubaho kwanyu nzobishitsa, ntimuzokenyuka (Kuv. 23:25-26).

Muzogira umuhezagiro gusumba ayandi mahanga yose; ntihazoba ingumba y’umugabo canke y’umugore muri mwebwe, canke mumasho yanyu (Gus. 7:14).

Aya masezerano arashobora gutera intege imiryango itagira abana! Kugerageza kwizera kuronka umuhungu cank’umukobwa, n’iyindi nkuru. Muri Bibliya nta sezerano ritubwira guhitamwo igitsina c’abana tugomba kuvyara. Tugomba ko ukwizera kwacu gukora dutegerezwa ku guma mu nzitiro z’ijambo ry’Imana. Dushobora kwizera Imana ku yvo yadusezeranye gusa.

Dufate isezerano riri mw’ijambo ry’Imana duce tuvuga ico dushobora kwizera mu kwisunga iryo sezerano:

Kuk’Umwami wacu ubwiwe azoza, amanutse avuye mw’ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana. Maz’abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka (1 Tes. 4:16).

Dufatiye kur’iki canditswe, turashobora kwizigira ko Yesu azogaruka.

Mbega turashobora gusenga, dufise ukwizera, ngo Yesu azomanuke ejo? Oya, kuko haba iki canditswe haba ibindi vyose nta na kimwe kibudusezerana. Kanatsinda, Yesu yavuze ubwiwe yukw’ata muntu n’umwe azi umusi cank’isaha azogarukira ko.

Turashobora gusenga, tubishatse, mu kwizigira ko Yesu azogaruka ejo, ariko nta kimenyamenya c’uko bitegerezwa kuba. Igihe dusenga mu kwizera, turamenya neza tudakekerana kw’ico dusavye gikoretse kuko tugifisekw’ isezerano ry’Imana.

Dufatiye kur’ico canditswe nyene, turashobora kwizigira kw’imibiri y’abizera bapfuye izo zuka igihe co kugaruka kwa Yesu. Mbega turashobora kugira ukwizera yuko bamwe muri twebwe bazoba bakiri bazima igihe Kristo azogaruka bazokwambikwa imibiri y’izuka igihe kimwe n’”abapfiriye muri Kristo”, cank’imbere yabo? Oya, kubera yukw’iki canditswe kidusezerana igihushanye c’ivyo: “abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka.”Kanatsinda, umurongo uwukurikira ni wo uvuga ngo, “Maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa na bo mu bicu” (1 Tes. 4:17). Rero, ntibishoboka yuko “abapfiriye muri Kristo”batabanza guhabwa imibiri yabo y’izuka igihe Yesu azogaruka. Ijambo ry’Imana risezerana ivyo gusa.

Twizera Imana ku kintu tuzi neza kw’ari ubugombe bw’Imana kuduha ico dusavye. Ubugombe bw’Imana dushobora kubumenya neza igihe turavye amasezerano y’Imana yanditse muri Bibiliya.

Ni ko ukwizera gukora no mw’isi isanzwe. Woba urwaye igihe wizera ko nzoza i wawe ejo ku muhingamo kandi ntagusezeranye ko nzoza i wawe kur’uyo mwanya.

Ukwizera, kudahagaze kw’isezerano, s’ukwizera na gato—ni ubujuju. Rero utarasaba Imana ikintu na kimwe, banza wibaze ikibazo gikurikira—n’ikihe canditswe muri Bibiliya kinsezerana kumpa ico ngomba gusaba? Shiti ufise isezerano, ukwizera kwawe nta rufatiro rugira.

Ikosha rya Kabiri Rimenyerewe (A Second Common Mistake)

Kenshi abakristo barizera isezerano runaka riva ku Mana ko rikoreka kandi nabo badakwije ibisabwa biherekeza iryo sezerano. Akarorero, ndamaze kwumva abakristo bavuga umurongo uri muri Zaburi 37 bakavuga ngo: “Bibiliya iravuga kw’Imana izobaha ivyo imitima yanyu yifuza. Ngw’ivyo nivyo nizera.”

Ahubwo, Bibiliya ntivuga gusa kw’Imana izoduha ivyo imitima yacu yifuza. Raba neza ico ivuga:

Ntuhagarikwe umutima n’inkozi z’ibibi, kandi ntukagirire ishari abakora ivy’ukugabiranya. Kuko bazotemwa vuba nk’ubwatsi, bazokwuma nk’ukw’imboga zitotahaye zuma. Wizigire Uhuroha, ukore ivyiza, Guma mu gihugu, ushishikare ivy’ukuri. Uhimbarirwe n’Uhoraho, na we azoguha ivy’umutima wawe ugomba. Ukorere Uhoraho urugendo rwawe rwose, abe ari we wishimira, na we azobishitsa (Zab. 37:1-5).

Har’ivyitonderwa bitandukanye ku muntu agomba kwizera kw’Imana ihaza umutima wiwe. Kanatsinda, har’ibisabwa bigera ku munani biri mur’iryo sezerano. Shiti dushikiriye ibisabwa, nta burenganzira dufise bwo kwakira imigisha twasezeranywe. Ukwizera kwacu nta rufatiro kuzoba gufise.

Abakristo barakunda kuvuga isezerano riri mu b’i Filipi 4:19: “Kandi Imana yanje izobamara ubukene bwanyu bwose, nkukw’itunga ry’ubwiza ryayo riri.” None, har’ivyitonderwa mur’iryo sezerano? Nta kabuza, birimwo.

Iyo uraba imiringo ikikuje iryo sezerano ryo mu b’i Filipi 4:19, uzosanga atar’isezerano ryahawe abakristo bose. Ahubwo ryahawe abakristo batangira Imana amatungo yabo. Paulo yar’azi kw’Imana izomara ubukene ab’i Filipi kuko bamurungikiye ishikanwa. Kuko barondera mbere na mbere ubwami bw’Imana nkuko Yesu yategetse, ni ho rero Imana izobamara ubukene, nkuko Yesu yasezeranye (raba Mat. 6:33). Amasezerano menshi avuga ku migisha y’umubiri twiteze ku Mana ategeka ko tuba abatangira Imana.

Nta burenganzira dufise bwo kwizera imigisha y’umubiri ku Mana igihe tutubaha amabwirizwa y’Imana ku butunzi bwacu. Mw’isezerano rya kera, Imana yabwiye abantu bayo ko bavumwe kuko batatanga ibigiracumi, arikw’ibasezerana imigisha igihe bemeye gutanga ibigiracumi n’amashikanwa (raba Mal. 3:8-12).

Imigisha myinshi dusezeraniwe muri Bibiliya izanwa no kwumvira Imana. Nuko, imbere yo gutangura kwizera Imana ku mugisha, reka twibaze duti: “Ndashitsa amategeko ari mur’iryo sezerano?”

Ikosha rya Gatatu Rimenyerewe (A Third Common Mistake)

Mw’Isezerano Rishasha, Yesu yaratubwiye igisabwa igihe cose dusaba ikintu:

Mwamane ukwizera Imana. Ndababwira ukuri yuk’umuntu yobwira uyu musozi, “ati Shinguka utabwe mu kiyaga: ntabikekeranye mu mutima, arikw’akizera yukw’ico avuze gikorwa, azokibona. Nico gitumye mbabwira yukw’ ivyo musenga canke musaba vyose, mwizere ko mubihawe kandi muzobibona (Mariko 11:22-24, hongeweko insobanuro).

Igisabwa Yesu yavuze ni kugira ukwizera igihe dusenga. Abakristo benshi barihenda mu kuvuga yukw’igihe basenze mu kwizera igihe babonye inyishu y’ivyo basengeye. Bizera yuko bagiye guhabwa ariko ntibarahabwa.

Igihe dusaba Imana ikintu yadusezeranye, dutegerezwa kwizera ko twaronse inyishu igihe dusenze tugatangura gushima Imana kubw’inyishu buno nyene. Dutegerezwa kwizera ko twahawe tutarabibona atar’igihe tumaze kubibona. Dutegerezwa guherekeza isengesho ryacu amashimwe, nkuko Paulo yanditse:

Nti mugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka (Fil. 4:6).

Nk’uko maze kubivuga, dufise ukwizera mu mitima yacu, amajambo n’ibikorwa vyacu bizohuriza hamwe n’ivyo twizera. Yesu yavuze ati, “Akanwa kasamira ibibogaboga mu mutima” (Mat. 12:34).

Hari abakristo bagira ikosha ryo kuguma basubiramw’isengesho rimwe, bisigura yuko batizera ko bamaze kuronka. Iyo tuba twarizeye ko twahawe igihe twasanze, ntitwobaye tugisubiramwo isengesho rimwe igihe cose. Kuguma usaba ikintu kimwe vyerekana yuko ukekeranya kw’Imana itoba yakwumvise igihe wasenga.

Yesu Ubwiwe Ntiyasubiyemwo Isengesho Incuro Nyinshi?

(Didn’t Jesus Make the Same Request More Than Once?)

Yesu, na we, yarigeze gusenga isengesho rimwe incuro zitatu zose yikurikiranya igihe yasengero I Gestemane (raba Mat. 26:39-44). Arik’uramenya yukw’atarikw’asenga mu kwizera ubugombe bw’Imana yahishuriwe. Kanatsinda, igihe yasenga incuro zitatu ngo ntaje ku musaraba, yaramenye kw’isengesho ryiwe rihushanya n’ubugombe bw’Imana. Ni co gituma yaciye aca bugufi yemera ubugombe bwa Se incuro zitatu mur’iri sengesho gusa.

Iri sengesho rya Yesu rikoreshwa nabi n’abantu barigira isengesho ry’icitegerezo, igihe abantu batwigisha yuko dutegerezwa kurangiza isengesho n’amajambo, “ubugombe bwawe bube” canke ngo, “nimba ari vy’ushaka,” canke “ariko ntibibe nk’uko nshaka,” ngo ni kwo gukurikiza akarorero ka Yesu.

Vyongeye, menya ko Yesu yagize iryo sengesho ryose kuko ritari mu bugombe bw’Imana. Gukurikira akarorero kiwe igihe dusenga twisunze ubugombe bw’Imana ryoba ari kosha kandi vyerekana kw’ata kwizera tugira. Akarorero, gusenga uti, “mwami, ndatuye ivyaha vyanje iwawe, turazi yuko Bibiliya isezerana guharira ivyaha vyacu igihe twatuye (raba 1Yohana 1:9). Gusenga uti ubugombe bwawe bube vyerekana kw’ata kwizera ufise mw’isezerano ry’Imana.

Kandi na Yesu ubwiwe ntiyarangije iri sengesho n’ijambo, “atari uko ngomba, yamara ivy’ugomba bibe.” Har’akarorero kamwe gusa k’iryo sengesho, kuko yarazi amagorwa agiye guca mwo mu kwemera ubugombe bwa Se.

Ku rundi ruhande, igihe tutazi ubugombe bw’Imana mu bintu runaka tugomba gusengera kuko bitahishuwe, ni ho dushobora kurangiza ishengesho tuvuga ya majambo duti, “ubugombe bwawe bube.” Yakobo ni we yanditse ati,

Umve rero, yemwe abavuga ng’”Uyu musi cank’ejo tuzoja mu gisagara c’i naka, tuzomarayo umwaka, tudandaze, turonke inyungu.” Ariko murazi ibizoba ejo. Ubugingo bwanyu ni nk’iki? Mur’umwuka uboneka umwanya muto, ugahava uyongayonga. Ariko mwari mukwiriye kuvuga mut’ “Umwami wacu ni ya bikunda, tuzoramba, kandi tuzokora durtya canke durtya.” Yamara none mwirata ukwihayagiza kwanyu: ukwirata kwose ben’uko ni kubi (Yak. 4:13-16).

Twogira dute tumaze gusenga twisunze isezerano ry’Imana kandi dukwije ibisabwa vyose? Dukwiriye kwama dushimira Imana kubera inyishu twizeye ko tumaze guhabwa kugeza igihe bishika. Amasezerano y’Imana tuyaronka mu kwizera no kwihangana (Heb. 6:12). Satani azogeragezwa kudusambura adutera ukugukekeranya, kandi dutegerezwa kumenya kw’ivyiyumviro vyacu ari ikabanza c’intambara. Igihe ivyiyumviro vyo gukekeranya biteye umutima wacu, dusabwa kubisubiriza n’ivyiyumviro bishingiye ku masezerano y’Imana no kuvuga ijambo ry’Imana mu kwizera. Nitwabikora durtyo, Satani azoduhunga (raba Yak. 4:7; 1 Pet. 5:8-9).

Akarorero k’Ukwizera Mu Bikorwa (An Example of Faith in Action)

Kamwe mu turorero two gushira ukwizera mu bikorwa n’inkuru ya Petero agendera ku kiyaga. Reka dusome inkuru yiwe turabe ivyo dushobora gukuramwo.

Uyo mwanya [Yesu] agobera abigishwa ngo batambukire mu bwato ngo bitangire kujabuka hakurya, abanze gusezera ishengero. Ahejeje gusezera ishengero, uduga umusozi gusenga yiherereye. Bwagorovye ari yo wenyene gusa. Arik’ubwato bushitse hagati mu kiyaga bari batamijwe n’imipfunda, kuk’umuyaga war’ubaturutse imbere. Ku muteramyi agira kane, aza aho bari agendesha amaguru hejuru ku kiyaga. Abigishwa bamubonye agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, basimbwa n’umutima, bati “N’igihume”baturishwa ubuku n’ubwoba. Uwo mwanya Yesu arababwira, ati “Humura, ni jewe ni mureke gutinya.” Petero aramwishura, ati “Mushingantahe, asangwa ari wewe, mbarira nze ah’uri ku mazi.” Nawe ati “Ngo” Petero yururuka mu bwato, agendesha amaguru ku mazi, ngw’aje aho Yesu ari. Abonye igihuhuta, aratinya, atanguye kuroka arataka, ati “Ntabara mugenzi” Buno Yesu aramvura ukuboko, aramucakira, aramubwira, ati “yewe w’ukwizera guke, n’iki cagukekeranishije?” Buriye mu bwato, umuyaga uraca. Abari mu bwato baramupfukamira, bati “N’ukuri ur’Umwana w’Imana”(Mat. 14:22-33).

Abigishwa ba Yesu bari bamaze guca mu yindi mipfunda imbere y’aho mu bwato bajabuka ikiyaga c’i Galilaya (raba Mat. 8:23-27). Mur’ico gihe, Yesu yarikumwe na bo, kand’amaze gucecekesha umuyaga awukankamira, yaciye akankamira abigishwa biwe kubera ukwizera guke kwabo. Imbere yuko bafata urundi rugendo yar’amaze kubamenyesha kw’ari ubugombe bwiwe ko baja hakurya y’ikiyaga (raba Mariko 4:35). Igihe impfunda yavyuka, bahanze amaso cane ingorane bari mwo, gushika aho bizera ko bahonye bose. Yesu ntiyashaka ko bagira ubwoba.

Yesu arasubiye kubatuma kujabuka ikiyaga c’i Galilaya bo nyene. Nta nkeka yar’arongowe na Mpwemu gurtyo, kand’Imana yar’izi k’umuyaga uhava ubaturuka imbere mur’iryo joro. Nih’Imana yabaretse ngo baronke ikintu kigerageza ukwizera kwabo. Kubera iyo miyaga ibaturuka imbere, ikintu co giza amasaha makeye cafashe ijoro ryose. Dukwiriye gushimira abigishwa ku gushishikara kwabo, ariko sinzi ko hari n’umwe hagati yabo yagize ukwizera ngw’acecekeshe iyo miyaga, nkuko babonye Yesu abigira mu rugendo baheruka kugira bari kumwe na Yesu. Biratangaje kubona mw’injili ya Mariko havugwa ko Yesu yaje agendesha amaguru ku kiyaga, “Agira nk’uwubarenganye” (Mariko 6:48). Yar’abaretse barwane intambara yabo bonyene nkuko n’ubu yarikw’agendesha amaguru yiwe! Ibi vyerekana ko batariko barasenga canke ngo barondere Imana. Ndibaza incuro zingaye Nyene-Ibitangaza aduca ku ruhande ntitumubone kuko turiko turarwana n’imipfunda y’ubuzima.

Ishimikiro ryo Kwizera (Principles of Faith)

Yesu yishuye ikibazo ca Petero mw’ijambo rimwe ati: “Ngo.” Iyo Petero agerageza gusimbira ku kiyaga ngw’atambuka atarabwirwa iryo jambo, yarigusoma nturi buno nyene, kukw’ata sezerano yari kuba afise ngo yubakire ko ukwizera kiwe. Yarigusimbira ku kiyaga kubw’ivyiyumviro vyiwe mu gishingo co kwizera. Nkuko nyene, n’inyuma y’iryo jambo rya Yesu, abandi bigishwa bagaca bagerageza kugendera ku kiyaga nab o, bari kuhasiga ubuzima, kuko Yesu yar’ahaye isezerano Petero gusa. Nta n’umwe muri bo yar’akwije ibisabwa vy’iryo sezerano. Nkuko nyene, imbere yuko dutangura kwizera isezerano ry’Imana, dutegerezwa kumenya neza yukw’ar’iryacu kandi n’uko dukwije ibisabwa n’iryo sezerano.

Petero yaciye ahonyora ku kiyaga. Yabitumwe n’uko yizera, n’aho yari mu bahinze agashitsi biyumvira kw’ar’igihume n’aho yakekeranya mu mutima wiwe yarateye intambuko ahonyora ku kiyaga. Ariko kugira ngw’ aronke igitangaza, yategerezwa gukoresha ukwizera kwiwe. Wiyumvira ko yatanguye gutobora ubwato ah’acisha ino ryiwe ngw’arabe kw’ikiyaga kigumye ntahave arokerayo, iy’agira gurtyo nta gitangaza yari kubona. Nkuko nyene, imbere yo kwakira igitangaza, dutegerezwa kwizera isezerano ry’Imana no gukora ico twizera. Habah’igihe co kugerageza ukwizera kwacu. Har’aho ico gihe kiba kigufi; ikindi gihe kikaba kirekire. Ariko hategerezwa kuba igihe mu buzima bwacu twirengagiza ivy’ubwenge bwacu butubwira tukisunga ijambo ry’Imana.

Petero yatanguye neza. Arikw’amaze kubona kw’ivy’arikw’arakora bidakorwa, atandura kwitegereza imipfunda, aca aratinya. Kumbure yarahagaze, atinya gutera intambwe ya kabiri. Umwe yar’atanguye kubona igitangaza c’Imana atangura gucokera mu kiyaga. Dukeneye kubanya mu kwizera iyo tumaze gutangura, tugashishikara gukora ico ukwizera kwacu kutubwira. Tugakovya cane.

Petero yacokeye kukw’atanguye gukekeranya. Abantu ntibakunda kwigaya ukubura kwizera kwabo. Bihutira kwidodombera Imana. Wiyumvira ko Yesu yarikugira gute igihe Petero asubiye mu bwato abaza abandi bigishwa ati, “bwar’ubugombe bw’Imana ko ngendera ku kiyaga hamwe na Yesu”?

Petero yananiwe kuko yatinye aca atakaza ukwizera kwiwe. Ivyo ni bintu bigaragara. Yesu ntiyamuciriye urubanza, ariko yaciye amugororera ukuboko kugira ngo Petero aronke ico yishimikiza. Kandi yaciye abaza Petero igitumye akekeranya. Nta kintu na kimwe cari gutuma Petero akekerana, kukw’ijambo ry’Umwana w’Imana ritabesha nk’ayandi majwi. Nta n’umwe muri twebwe akwiye gukekeranya,gutinya canke kwiganyira.

Ivyanditswe vyuzuyemwo ukunesha kuzanwa n’ukwizera n’ukuneshwa kuzanwa n’ugukekeranya. Yosuwa na Kalebu binjiye mu gihugu c’isezerano kubera kwizera arikw’abandi bari kumwe nabo bapfiriye mu bugaragwa kubera ugukekeranya kwabo (raba Guh. 14:26-30). Abigishwa ba Yesu ntaco bakenye igihe baja kuvuga ubutumwa babiri babiri (raba Luka 22:35), ariko barigeze kunanirwa gusenda abadayimoni kubera ukutizera kwabo (raba Mat. 17:19-20). Abantu benshi baronse ibitangaza bibakiza indwara igihe Kristo yakorera muri bo arikw’abarwayi bo mu gisagara ciwe Nazareti bagumye barwaye kubera kutizera kwabo (raba Mariko 6:5-6).

Nka bose muri bo, nanje ubwanje ndamaze kugendera mu kunesha no kuneshwa nk’uk’ ukwizera no gukekeranya kwanje biri. Ariko sinshobora kuguma mu kuneshwa canke kwidodombera Imana. Sinshobora kwitsindanishiriza mu kuyitakw’imiragwe. Sinshobora kurondera insobanuro y’ivyizerwa karuharuwe bisobanura ukundi ubugombe bw’Imana iamaze kutumenyesha. Ndazikw’Imana idashobora kubesha. Rero igihe naniwe, nca nihana kutizera kwanje nkaca nsubira kugendera ku kiyaga ubugira kandi. Ndamaze kubona ko Yesu yama amparira kand’akandokora iyo ntanguye kwibira!

Urubanza ruriciye: Abizera barahezagirwa; abakekeranya ntibahezagirwa! Umukozi agira abigishwa yigana Yesu. Yuzuye ukwizera, kandi ahanura abigishwa biwe, “kwizera Imana!” (Mariko 11:22).

To subscribe to David Servant's periodic e-teachings, click here.


Kirundi » Ishingiro ryo Kwizera (Fundamentals of Faith)

Gukira Kuva Mw’ijuru (Divine Healing)

Igice ca Cumi na Gatanu (Chapter Fifteen)

N’ah’icigwa c’ugukira kuva mw’ijuru cuzuyemwo ibihari, ivyanditswe ntibigihisha na gato. Kanatsinda, kimwe kw’icumi ry’ivyanditswe mu njili zose zine bivuga ku gikorwa ca Yesu co gukiza indwara. Har’amasezerano yo gukira kuva mw’ijuru mw’Isezerano rya Kera, mu njili n’ivyete vy’Isezerano Rishasha. Abarwaye barashobora kuremeshwa n’ivyanditswe vyinshi bashobora kwubakak’ukwizera kwabo.

Muri rusangi ndamaze kubona kw’isi hose yukw’ahantu amashengero yuzuyemw’abizera bishikaniye Imana (abigishwa b’ukuri), ugukira kuva mw’ijuru kuramenyerewe cane. Ah’ishengero riri akazuyaze canke rizazaniwe, gukira kuva mw’ijuru usanga ar’imboneka rimwe.

[1]

Ibi ntibishobora kudutangaza, nkuko Yesu yatubwiye yuko kimwe mu bimenyetso bizokurikira abizera ar’ukurambika ibiganza ku barwye bagakira (raba Mariko 16:18). Twoshika aho tuvuga ishengero dufatiye ku bimenyetso Yesu yavuze ko bizokurikira abizera, twavuga yukw’amashengero menshi yuzuyemw’abatizera:

[Yesu] Arababarira, ati “Mugende muje mu bihugu vyose, mubwire abaremwe bose ubutumwa bwiza. Uwizera akabatizwa azokizwa, arik’uwutizera azotsindwa n’urubanza. Kand’ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera n’ibi : bazosenda abadayimoni mw’izina ryanje; bazovuga indimi nsha; bazofata inzoka; ni banywa icica; nta co kizobagira na gatayo; bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire” (Mariko 16:15-18).

Umukozi agira abigishwa, mu kwigana igikorwa ca Kristo, ategerezwa gukoresha ingabire yiwe agaha ikibanza gikwiye ugukira kuva mw’ijuru aho agerereye hose. Arazi yuko gukira kuva mw’ijuru kwagura ubwami bw’Imana mu nzira zibiri n’imiburiburi. Ubwa mbere, gukira kw’ibitangaza ni ikimenyetso ciza c’ubutumwa bwiza, nk’umwana wese asomye injili cank’igikorwa c’ivyakozwe n’intumwa arashobora ku bitahura (ariko har’abakozi insinzi bafise impamwa bushobozi zo kwigisha ivy’Imana ariko badashora gutahura ibi bintu). Ubwa kabiri, abigishwa beza ntibazibirwa kubandanya n’aho hoba umuntu arwaye agomba gukira.

Umukozi agira abigishwa ayegerezwa kwitwararika abantu bo mu mubiri wa Kristo bakeneye gukira ariko n’ubu ntibarakira. Bakeneye impanuro z’urukundo no guhanurwa, cane cane igihe boba bari mu gitigiri c’abarwanya inkuru zo gukira kuva mw’ijuru. Umukozi agira abigishwa ategerezwa guhitamwo: arashobora guhitamwo guhagarika no kwirinda inyigisho zose zimeze gurtyo, aho rero nta muntu n’umwe azokomeretswa canke ngo hagire uwukira indwara, arikw’arashobora kuvyigisha mu rukundo akemera kubabaza abantu bamwe arikw’agafasha abandi gukira kuva mw’ijuru. Ku bwanje, nahisemwo ico ca kabiri, kwizera kwigana Yesu.

Gukira ku Musaraba (Healing on the Cross)

Ahantu heza twohera icigwa c’ugukira kuva mw’ijuru ni ku gice ca mirongwibiri na gatatu, aho Isaya n’abandi bantu bemera ubuhanuzi. Mukuvugishwa na Mpwemu Yera, Yesaya yaravuze ku rupfu rwa Yesu n’ubushobozi bw’umusaraba:

N’ukuri n’izacu ntimba yishizeko, n’iyacu mibabaro yikoreye; ariko tweho twamwiyumviriye nk’uwakubiswe, nk’uwacumiswe n’Imana, akicurikirizwa n’akabonge. Yamara yacumitiwe ivyacu bicumuro, yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo: igihano kituronkesha amahoro cabaye kuri we, kand’imishishagu yiwe niyo idukiza. Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isabagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremeka ukugabitanya kwacu twse (Yes. 53:4-6).

Ahishuriwe na Mpwemu Yera, Yesaya yavuze ko Yesu yikoreye intimba n’ imibabaro yacu yose. Insobanuro nziza y’ikigiri ivuga yuko Yesu yikoreye indwara n’ imibabaro yacu, nkukw’izindi nsobanuro zivyerekana mu majambo yazo y’insiguro.

Ijambo ry’igiheburayo ryasobanuwe intimba muri Yesaya 53:4 ni ijambo choli, dusanga no mu Gusubira mu Vyagezwe 7:15; 28:61; 1Abam. 17:17; 2 Abam. 1:2; 8:8 hamwe 2Ngoma 16:12; 21:15. Aho hose ryasobanuwe indwara cank’ibikomere.

Ijambo ry’igiheburayo ryasabanuwe imibabaro ni makob, dushobora no gusanga muri Yobu 14:22 na Yobu 33:19. aho hose risobanura ukuribwa.

Ko bimeze gurtyo, Yesaya 53:4 hasobanurwa ngo, “N’ukuri yishizeko indwara zacu. Yikoreye ukuribwa kwacu.” Ibi vyanditswe muri Yesaya 53:4 vyemezwa na Matayo mu njili yiwe aho avuga ati: “Ubwiwe ni we yatwaye ubumuga bwacu, akikorera n’indwara zacu” (Mat. 8:17).

Kuko badashobora guhakana ivyo, bamwe bacabagomba kutwemeza yuko Yesaya yavuga ku “ndwara zo mu mpwemu” n’”ubumuga bwo mu mpwemu.” Hamwe n’ivyo, Matayo mu gusubiramwo ivyavugishijwe na Yesaya kuri 53:4 bigaragara ko vyavugwa kubw’indwara n’ubumuga bwo ku mubiri. Reka dusome n’iyi mirongo irimwo:

Ku kagoroba, bamuzanira benshi binjiwemwo n’abadayimoni; izo mpwemu mbi izirukanisha ijambo, akiza abari barwaye bose, ngw’ivyavuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya biboneke, “ng’ubwiwe ni we yatwara ubumuga bwacu, akikorera n’indwara zacu” (Mat. 8:16-17, hongeweko insobanuro).

Matayo ubwiwe yavuze yuk’ugukiza indwara Yesu yakoze kw’ar’ugushitswa kw’ivyavugishijwe na Yesaya kuri 53:4. rero nta nkeka ko Yesaya 53:4 ivuga ko Kristo yikoreye ubumuga n’indwara zacu.

[2]

Nkukw’ ivyanditswe bivuga ko Yesu yikoreye ivyaha vyacu (raba Yesaya 53:11), biravuga kandi yuko yikoreye ubumuga n’indwara zacu. Iyi ni nkuru yonezereza umurwayi wese. Kubw’ikimazi co kwitanga ubwiwe, Yesu yaduhaye agakiza no gukira indwara.

Ikibazo Cabajijwe (A Question Asked)

Ariko nimba ari vyo, bamwe barabaza, bati none ni kuki abantu bose badakira indwara? Inyishu y’ico kibazo yumvikana neza iyo dusubije ikibazo: Ni kuki abantu bose bataravuka ubwa kabiri? Ntibaravuka ubwa kabiri kuko batarumva ubutumwa bwiza canke kubera yuko banes kwizera ubutumwa bwiza. Rero, niko n’umuntu wese ategerezwa kunyakura ukwo gukira akoresheje ukwizera kwiwe ubwiwe. Benshi ntibarumva ukuri kuvuga ko Yesu yikoreye indwara zabo; abandi baravyumvise ntibavyemera.

Ukw’Imana ibona ivyerekeye indwara kwahishuwe neza ni igikorwa c’Umwana wayo, yavyivugiye ati,

N’ukuri, n’ukuri ndababwire: nta co Umwana ashobora kwigenera, atabonye Se agikora, kukw’ivyo Se akora vyose n’Umwana aca abikora kuno (Yohana 5:19).

Dusoma mu cete candikiwe Abaheburayo yuko Yesu ar’”ishusho rya kamere ka Data” (Heb. 1:3). Nta gukekeranya kuko ingene Yesu abona ivy’indwara ni ko na Se abibona.

None Yesu abibona gute? Nta na rimwe yigera kwirukana umuntu amukurikiye arondera gukira indwara, “ng’oya s’ubugombe bw’Imana ko mukira, mutegerezwa kuguma murwaye.” Yesu yama akiza abarwaye bamujeko, kandi bamaze gukira, yaca ababwira yuk’ukwizera kwabo ari kwo kwabakijije. Ikirengeye vyose, Bibiliya ivuga kw’Imana itigera ihinduka (raba Mal. 3:6) kandi ko Yesu Kristo “uko yar’ar’ejo, n’uyu musi nikw’akiri, ni kw’azokwama ibihe bidashira” (Heb. 13:8).

Gukira Kwamamazwa (Healing Proclaimed)

Ndababara kubona agakiza gakengerwa gushika aho kangana n’igikorwa co guharirwa ivyaha gusa. Arikw’ijambo ry’ikigiriki rya sobanuwe “gukizwa” hamwe n”agakiza” ryerekana yukw’atari uguharirwa icaha gusa, ariko gukira neza cane no kubohorwa.

[3]

Reka turabe umuntu muri Bibiliya yakijijwe nkuko twigishwa. Yakijijwe n’ukwizera kwiwe igihe yumva Paulo asigura mu gisagara ciwe.

Barabimenya bahungira i Lusitira n’i Derube, ibisigara vy’i Lukawoniya, no mu gihugu gihereranye na ho: bagumayo bavuga ubutumwa bwiza. I lusitira har’umugabo yar’aremaye ibirenge uhereye aho yakaviriye mu nda ya nyina , ntaho yari yigeze kutambuka. Uwo mwanya yumva Paulo avuga, nawe amuhanze amaso abona kw’afise ukwizera kwo gukizwa. Avuga n’ijwi rirenga, ati “hagarara n’ibirenge vyawe, weme”. Arabaduka, aratambuka (Ivyak. 14:6-10).

Menya yuko naho Paulo yarikw’aravuga “ubutumwa,” har’ico uyo mugabo yumvise bituma agira ukwizera kwo gukira mu mubiri. N’imiburiburi, ategerezwa kuba yarumvise Paulo avuga kuvyerekeye igikorwa ca Yesu co gukiza indwara, n’ingene Yesu yakijije umuntu wese abikeneye afise ukwizera kwo gukira. Kumbure Paulo yavuze kw’ivyo Yesaya yavugishijwe ko Yesu yikoreye indwara n’ubumuga bwacu. Ntavyo tuzi neza, ariko ko dusanzwe tuzi k’”ukwizera kuzanwa no kwumva” (Rom 10:17), ico kimuga gitegerezwa kuba carumvise ikintu kirema ukwizera mu mutima wacu. Paulo yavuze ijambo ricereka yuko Yesu adashaka ko kiguma kimugaye.

Paulo ubwiwe yarizeye k’uwo muntu agiye gukir yiwe ntiyari gushobora kuzanira nya mugabo ukwizera kuzana gukira indwara, kandi ntiyari no kubwira nya mugabo ngw’ahagarare. Mbega vyari kugenda gute iyo Paulo asigura nkukw’abasiguzi ba none babigira? Vyari kugenda gute iyo avuga ati: “Mbega Imana ntigomba kw’abantu bose bakira”? bigaherera ngaho. Uyo mugabo ntiyari kugira ukwizera kumukiza. Ngirango ni co gituma abantu benshi badakira mu mashengero ya none. Abasiguzi bategerezwa kurema mu mitima y’abantu b ukwizera gukiza indwara ni bo babaca intege.

Ubugira kandi, menya k’uyu mugabo yakize kubw’ukwizera kwiwe. Ikirengeye vyose, harashobora kuba harihw’abandi barwayi mw’ikoraniro kur’uyo musi nyene, ariko nta wundi twamva yakize indwara. Bimeze gurtyo none, n’iki catumye badakira? Usanga bisa n’icatumye har’abantu batakijijwe igihe abandi bafata ingingo yo gukizwa kur’uyo musi—kuko batizeye ubutumwa Paulo yavuga.

Ntitwigere tuvuga kw’atari ubugombe bw’Imana gukiza indwara igihe tubonye abantu badakira. Bingana no kuvuga yukw’atari ubugombe bw’Imana kw’abantu bavuka ubwa kabiri. Umuntu wese ategerezwa kwizera ubutumwa bwiza namba yifuza gukira, kandi umuntu wese ategerezwa kwizera ku giti ciwe kw’agiye gukira indwara.

Ibindi Vyemeza ko Gukira Ari Ubugombe bw’Imana

(Further Proof of God’s Will to Heal)

Mw’Isezerano rya Kera, ugukira indwara kwari mu masezerano yabaye hagati y’Imana n’ab’Isirayeli. Imisi mikeya bamaze kuva mu buja, Imana iha Isirayeri iri sezerano:

Ni mwagira umwete wo kwumvira Uhoraho Imana yanyu, mugakora ibitunganye mu nyonga ziwe mukumvira ivyagezwe vyiwe, mukitondera ivyo yihanikirije vyose, ngo Nta ndwara azobateza nk’izo yateje Abanyegiputa; ngo kukw’ari we Uhoraho abakiza indwara (Kuv. 15:26).

Umuntu wese w’imvuga kuri arashobora kwemera k’ugukira indwara kwari mw’isezerano Imana yagiranye na Isirayeli, ariko vyavana n’ukwimvira kwabo. (Tukiri ngaho nyene, Paulo yirekana neza muri 1 Korinto 11:27-31 yukw’amagara meza avana n’ingene twumvira amajambo y’Imana.)

Imana yasezeranye Isirayeli ati:

Ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe musaba, nanje nzohezagira ivyo kurya vyanyu n’amazi yanyu, kandi nzokura indwara muri mwebwe. Mu gihugu canyu nta wuzokoresha inda, nta wuzoba intavyara: Ibitigiri vy’imisi y’ukubaho kwanyu nzobishitsa, ntimuzokenyuka (Kuv. 23:25-26, hongeweko insobanuro).

Muzogira umuhezagiro gusumba ayandi mahanga yose; nti hazoba ingumba y’umugabo canke y’umugore muri mwebwe, canke mu masho yanyu. Uhoraho azobakurakw’indwara zose; ntazobateza n’imwe muri za ndwara mbi zo muri Egiputa, nk’uko muzizi, arikw’azoziteza ababanka bose (Gus. 7:14-15, hongeweko insobanuro).

Nimba hari ugukira indwara mw’Isezerano rya Kera, umuntu yokwibaza igituma vyo hara mw’Isezerano Rishasha, namba vy’ukuri Isezerano Rishasha risumba irya Kera, nkukw’ivyanditswe bibivuga:

Ariko none, igikorwa [Yesu] yahawe kirusha icabo kuba ciza, nk’ukw’ar’umuhuza w’isezerano riruta iryabo, kuko ryashizweho n’ivya sezeranywe biruta ivyabo (Heb. 8:6, hongeweko insobanuro).

Haracariho Ibindi Vyemezo (Yet Further Proof)

Bibiliya yuzuyemw’ivyanditswe vyemeza cane yukw’ari ubugombe bw’Imana gukiza abantu indwara. Reka mvuga bitatu biruta ibindi:

Mutima wanje, himbaza Uhoraho; namwe ibimbamwo vyose, muhimbaze izina ryiwe ryera. Mutima wanje himbaza Uhoraho; Ntiwibagire ivyiza yakugiriye vyose. Niwe aharira ibigabiranyo vyawe vyose, agakiza indwara zawe zose (Zab. 103:1-3, hongeweko insobanuro).

Har’umukristo yohaririza Dawidi kuko yavuze yukw’Imana iharira ibigabitanyo vyacu vyose? Hamwe n’ivyo, Dawidi yizeye kandi kw’Imana ikiza indwara zacu—zose.

Mwana wanje, shira umutima ku majambo yanje, Tega ugutwi ukuvuga kwanje, Ntibikave imbere y’amaso yawe, Bizigamire imbere mu mutima wawe. Kuko bibera ubugingo ababironka, No kunonoka mu mibiri yabo yose (Imig. 4:20-22, hongweko insobanuro).

Muri mwebwe namba har’uwurwaye, n’atume kw’abashingantahe b’ishengero, baze kumusengera, bamusige amavuta ya elayo mw’izina ry’Umwami wacu. Kand’ugusenga gufatanije n’ukwizera kuzokiza umurwayi, Umwami azomuvyura: kand’asanzwe yarakoze ivyaha azobiharirwa (Yak. 5:14-15, hongeweko insobanuro).

Menya kw’iri sezerano rya nyuma rihawe uwurwaye wese. Kandi menya neza yukw’atar’amavuta cank’abarongozi bazana gukira ariko n’”ishengesho ryo kwizera.”

N’ukwizera kw’abarongozi cank’umurwayi? Ni ukwizera kwabo bompi. Ukwizera kw’umuntu arwaye kurakenerwa, n’ahw’ar’igice, kuko yatumyeko abashingantahe bo mw’ishengero. Uy’umuntu arwaye ataba yizera ntiyari kurinda gutumakw’abarongozi bamusenger nkuko Yakobo yavyise “isengesho ryo kwemeranya” ari na ryo Yesu yavuze muri Matayo 18:19. Impande zompi zitegerezwa “kwemeranya” m’ubu bwoko bw’isengesho. Igihe umuntu umwe yizeye uwundi ntiyizere, ntibaba bemeranye.

Turaziko hari ibindi vyanditswe bivuga kw’indwara ziterwa na Satani (raba Yobu 2:7; Luka 13:16; Ivyak. 10:38; 1Kor. 5:5). Birumvikana kw’Imana itegerezwa kurwanya igikorwa ca Satani mu mibiri y’abana bayo. Data aradukunda kuruta uk’umuvyeyi wo kw’isi ashobora gukunda umwana wiwe (raba Mat. 7:11), kandi nta muvyeyi ndumva yifuza kw’abana biwe barwara.

Igikorwa cose co gukiza indwara Yesu yakoze akiri kw’isi, hamwe n’ugukira indwara tubona mu vyakozwe n’intumwa, bitegerezwa kudutera intege zo kwizera ko Data agomba ko tugira amagara meza. Yesu yakiza cane abantu baza kuri we ngw’abakize, kandi yisunga ukwizera kwabo mu kubaha igitangaza cabo. Bisigura ko Yesu atarobanuye ku butoni abantu akiza. Umurwayi wese ashoboye kuza kuri Yesu mu kwizera gukira indwara yarakira. Yifuza gukiza bose, arikw’ico yabasaba ni kwizera gukiza indwara.

Inyishu ku Mpari Tumenyereye Kwumva

(Answers to Some Common Objections)

Kumbure impari tumenyereye zizanwa n’ugusoma nabi ijambo ry’Imana. Kenshi abantu biyumvira ngo: “Ndaz’umukristo mwiza yasengewe gukira indwara yitwa cancer, aca arapfa. Bisigura kw’atari ubugombe bw’Imana ko bose bakira indwara.”

Ntitukagerageze kuvuga kw’ikintu ar’ubugombe bw’Imana cank’atari bwo shiti ijambo ryayo ribitwemereye. Akarorero, wosubira muri kahise ukaraba ingene ab’Isirayeli bajarajara mu bugararwa imyaka mirongine kand’igihugu gitembamw’amata n’ubuki cari hirya y’uruzi, wovuga kw’Imana itashaka kw’ab’Isirayeli binjira igihugu c’isezerano. Arik’utahuye Bibiliya usanga atariko vyari bimeze. Bwar’ubugombe bw’Imana ko Isirayeli yinjira igihugu c’isezerano, ariko bananiwe kubera ukutizera kwabo (raba Heb. 3:19).

Non’abantu bamaze kuja muri Gehinomu bobo? Bw’ar’ubugombe bw’Imana ko binjira mw’ijuru, ariko ntibashikije ibisabwa vy’ukwihana no kwizera Umwami Yesu. Natwe, rero, ntidushobora kuvuga ubugombe bw’Imana bwo gukiza indwara mu guhitamwo abakwiriye gukira cank’abatabikwiriye. Igihe umukristo yisabiye gukira ntakire buno nyene, ntibisigura yukw’atar’ubugombe bw’Imana kw’akira. Namba uyo mukristo akwije ibisabwa n’Imana, arashobora gukira, bitabaye Imana yoba ibesha. Igihe vyanse ko dukira tugaca duta imirarwe ku Mana tuvuga yukw’atari ubugombe bw’Imana ko dukira, ntaho dutandukaniye n’abatizera bab’Isirayeli bapfiriye mu bugararwa bivugisha yukw’atar’ubugombe bw’Imana ko binjira mu gihugu casezeranywe. Harageze ko duhisha ubwibone bwacu mu kwemera yukw’ari twebwe dukwiriye kugawa.

Nk’uko navuze mu gice giheruka ku vyerekeye kwizera, abakristo benshi b’ukuri barangiza nabi amasengesho yabo igihe basaba gukira indwara mu gukoresha ijambo risenyura ukwizera ngo, “Ubugombe bwawe bukoreke.” Ivyo vyerekana ko badasenga mu kwizera kuko batazi neza ubugombe bw’Imana. Igihe dusaba gukira indwara, ubugombe bw’Imana burazwi neza, nkuko tumaze kubibona. Igihe uzi yukw’Imana igomba kugukiza, ntukeneye kwongerako “ubugombe bwawe bube” namba ugomba gukira. Bisa no kubwira Umwami ngo, “Mwami ndazi ko wasezeranye kunkiza indwara, ukaba warik’urabesha naho, ndagusavye unkize indwara niyo vyotubirana n’ubugombe bwawe.”

Kandi Imana irashobora guhana abizera batumvira mu kurekurira ivyaha kubinjira mwo, gushika n’aho arekurira urupfu giturumbuka kubahitana igihe runaka. Abo bizera bakwiye kwihana imbere yo kuronka ugukira indwara (raba 1 Kor. 11:27-32). Har’abandi, bafata minenerwe imibiri yabo, bigatuma barwara. Abakristo bategerezwa kugira ubwenge bukwiye bwo gucungera amagara yabo, kurya neza ata kurenza urugero, kugira imyimenyerezo, no kuruhuka ukuri kwamye.

Impari ya Kabiri Tumenyereye (A Second Common Objection)

Birakunda kuvugwa kenshi ko “Paulo yar’afise ihwa mu mubiri Imana yanse kumukiza.”

Iciyumviro kivuga kw’ihwa rya Paulo ari indwara, ni kibi kuko Paulo ubwiwe ntavuga ubwoko bw’iryo hwa—intumwa ya Satani:

Kandi kugira ngo noye guterwa kwishira hejuru birenze urugero, mbitewe n’uko nahishuriwe ibirushiriza kuba ibihambaye, ni co catumye mparwa igisata mu mubiri, intumwa ya Satani —yo kunkubita ibipfunsi, ngo noye guterwa kwishira hejuru birenze urugore. Kandi kur’ivyo natakambiye Umwami wacu gatatu ngo kimvemwo. Arambarira, at’”Ubuntu bwanje buraguhagije; kuk’ubushobozi bwanje buhingurirwa mu ntege nke. Nuko na canecane nzonezerwa kwirata intege zanje nke, ng’ubushobozi bwa Kristo bunzeko (2 Kor. 12:7-9, dushimikiye ku nsobanuro).

Ijambo intumwa ni jambo ry’Ikigiriki “aggelos,” risobanura umumarayika cank’abamarayika incuro zirenga 160 mw’Isezerano Rishasha. Ihwa Paulo yagendana yari intumwa ya Satani yarungitswe kumukubita ibipfunsi; s’indwara cank’ubumuga.

Menya kandi kw’ata hantu havuga isengesho rya Paulo asaba gukira Imana yanse kwishura. Gatatu kose, Paulo yarasavye Imana ku mukuriraho uwo mumarayika wa Satani, maze Imana imubwira k’ubuntu bwayo bumuhagije.

Mbega ni nde yashize ihwa muri Paulo? Har’abizera yukw’ari Satani, kukw’ihwa ryiswe “umumarayika wa Satan.” Abandi bizera kwar’Imana kukw’ihwa ryashizwe muri Paulo kugira ngo ntiyishime birenze urugero. Paulo ubwiwe avuga ngo, “kugira ngo si nterwe no kwishira hejuru.”

Bibiliya yitwa King James isobanura iyi mirongo mu buryo butandukanye. Aho kuvuga, “ngo noye guterwa kwishira hejuru,” ivuga, “kugira ngo noye gushirwa hejuru birenze urugero.” Iyi ni nsobanuro ikomeye kukw’Imana utarwanya gushirwa hejuru kwacu. Kanatsinda, yaradusezeranye kudushira hejuru ni twicisha bugufi. Rero biboneka yukw’Imana ubwayo ni yo ishira hejuru hanyuma Satani akarwanya ukwo gushirwa hejuru mu gushira muri Paulo umumarayika amukubita ibipfunsi mu guteza Paulo intambara aho aciye hose. Arikw’Imana iramubwira kw’izokoresha ivyo bihe ku bwo kwihesha icubahiro kandi k’ubushobozi bwayo bazorushirizaho kugaragarira mu bugingo bwa Paulo nk’umuti w’intege nke ziwe.

Hamwe n’ivyo, kuvuga ko Paulo yar’arwaye kandi kw’Imana yanse kumukiza n’ukwonona ico Bibiliya yigisha. Ku gice cerekana ihwa mu bugingo bwiwe, Paulo ntaho yigeze avuga ivy’indwara, kandi nta kintu cerekana kw’Imana yanse kumukiza iyo ndwara. Igihe umuntu w’imvugakuri asoma ivyo Paulo yanditse ku ntambara ziwe muri 2Korinto 11:23-30, ntashobora kubona iho yanditse ivy’indwara.

Insobanuro Itangwa kur’Ico Cigwa (An Elaboration on the Same Theme)

Hari abanka insobanuro natanze ku hwa rya Paulo, bavuga ngo, “Paulo ubwiwe yabwiye ab’i Galatiya ko yar’afise indwara igihe yababwira ubutumwa bwiza? Ntiyarikw’avuga ihwa ryo mu mubiri wiwe?”

Ng’ibi ivyo Paulo yanditse mu cete ciwe ku b’i Galatiya:

Ariko murazi yukw’amagara make y’umubiri ari yo yatumye mbabarira ubutumwa bwiza ubwa mbere: kand’ivya bagerageza kubw’umubiri wanje ntimwabitituye, ntimwaciriye inyeri, ariko mwanyakiriye nk’umumarayika w’Imana, canke nka Kristo Yesu (Gal. 4:13-14).

Ijambo ry’ikigiriki ryasobanuwemwo indwara ngaha ku b’i Galatiya 4:13 ni asthenia, risobanura “intege nke.” Rishobora gusobanura intege nke kubera indwara, ariko si ngombwa.

Akarorero, Paulo yanditse ati, “intege nke z’Imana zirusha abantu inkomezi” (1 Kor. 1:25, dushimikiye ku nsobanuro). Ijambo ryasobanuwe intege nke ngaha ni asthenia. Ntivyari kwumvikana na gato iy’abasobanuzi basobanura ngo “indwara y’Imana irusha inkomezi abantu.” (Raba na Mat. 26:41 hamwe na 1Pet. 3:7, ahw’ijambo asthenia risobanurwa intege nke ariko ntirisobanurwe nk’ indwara).

Igihe Paulo yagendera Galatiya, nkuko bivugwa mu vyakozwe n’intumwa, ntaho tubona ko yarwaye. Handitse, yuko yatewe amabuye ahakwa gupfa, kandi yabaye nk’uwuzutse canke yongewe kabaho ku gitangaza (raba Ivyakozwe n’intumwa 14:5-7, 19-20). Nta nkeka k’umubiri wa Paulo, amaze guterwa amabuye agahakwa gupfa, wategerezwa kugira inguma n’imishishagu hose.

Paulo ntiyarwaye igihe yar’i Galatiya yobera ikigeragezo ku bamwumvira. Ahubwo, umubiri wiwe watewe intege nke n’amabuye yatewe. Birashoboka, yuko yaragifise ibimwibutsa i Galatiya igihe yandikira ab’i Galatiya iki cete, kuko yarangije kur’aya majambo:

Uhereye none ntihakagire umuntu angora, kuko mfise ku mubiri inkovu za Kristo (Gal. 6:17).

Iyindi Mpari: “Mbabajwe kubw’Icubahiro c’Imana”

(Another Objection: ”I’m Suffering for the Glory of God”)

Iyi mpari ishingiye ku murongo uvuga inkuru y’izuka rya Lazaro mu kuvuga yuko indwara ziza kubw’icubahiro c’Imana. Yesu yavuze kuri Lazaro ati:

Yesu avyumvise aravuga, at’Iyo ndwara s’iyo kumwica, ariko n’iyo gushimagirisha Imana, kugira ngo n’Umwana w’Imana imushimagize (Yohana 11:4).

Yesu ntiyavuze kw’Imana ishimagizwa n’indwara ya Lazaro, ahubwo kw’Imana izoshimagizwa igihe Lazaro ikize indwara no kuzurwa mu bapfuye. Mu yandi majambo, iyo ndwara yategerezwa kurangizwa n’urupfu, ahubwo kw’Imana ishimwagizwa. Imana ntishimagirizwa mu ndwara; ishimagirizwa mu gukira. (Raba Mat. 9:8; 15:31; Luka 7:16; 13:13 na 17:15, ah’ugukira indwara bizanira Imana icubahiro.)

Iyindi Mpari : “Paulo Yavuze ko Yasize Torofimu Arwaye i Mileto”

(Another Objection: ”Paul Said He Left Trophimus Sick at Miletum”)

Nisanze ndiko nandika iri jambo ndi mu budagi. Igihe nava mu gisagara c’iwacu muri Amerika indwi iheze, nasize abantu benshi inyuma yanje barwaye. Nasize ibitaro vyuzuye abarwayi. Arikw’ivyo ntibisigura kw’Imana itagomba kw’abo bantu bakira indwara. Kuko Paulo yasize umuntu umwe arwaye mu gisagara yagendeye ntibisigura kw’Imana itagomba k’uyo muntu akira. Amasinzi y’abantu badakijijwe Paulo yasize inyuma yiwe yoyo? Mbega birashobora kwemeza yukw’atari ubugombe bw’Imana kwakira? Namba na gato.

Iyindi Mpari: “Mbaye nka Yobu!” (Another Objection: ”I’m Just Like Job!”)

Umwami ahimbazwe! Wosoma iherezo ry’inkuru ya Yobu, usanga yarakize. Ntibwar’ubugombe bw’Imana ko Yobu aguma arwara. Inkuru ya Yobu yerekana k’ubugombe bw’Imana ari ugukira.

Iyindi Mpari : Paulo Ahanura Timoteyo ku Ndwara yo Munda

(Another Objection: Paul’s Advice to Timothy About His Stomach)

Turazi ko Paulo yabwiye Timoteyo gufata ka vino gakeya kubera indwara yo mu nda no kuribwa gutandukanye (raba 1Tim. 5:23).

Mu bisanzwe, Paulo yabwiye Timoteyo kutabandanya anywa amazi gusa atangure kunywa vino nkeya kubera kuribwa mu nda. Ibi vyerekana ko har’ikintu kitameze neza mu mazi. Biragaragara, igihe unywa amazi atari meza cane, utegerezwa guhagarika ugaca utangura kunywa ikindi kintu, ahandi ho uzogira ingorane zo mu nda nka Timoteyo.

Iyindi Mpari: “Yesu Yakiza Kugirango Yerekane Ubumana Bwiwe Gusa.”

(Another Objection: ”Jesus Only Healed to Prove His Deity.”)

Hari abantu bagomba kutwemeza yuko Yesu yakiza indwara kugira yerekane ubumana bwiwe gusa. Rero ubu k’ubumana bwiwe bumaze kumenyekana, nta cotuma akiza abantu.

Ivyo si vyo. Birazwi kw’ibitangaza vya Yesu vyerekana ubumana bwiwe, ariko s’ico gusa catuma Yesu akiza abantu igihe yar’akiri kw’isi. Kenshi cane Yesu yarabuza abantu kuvuga uwabakijije (raba Mat. 8:4; 9:6, 30; 12:13-16; Mariko 5:43; 7:36; 8:26). Namba Yesu yakiza abantu kugira ngo yerekane ubumana bwiwe, yari guca abwira abo akijije ko babwira abantu bose uwa bakijije.

None Yesu yatumwa n’iki gukiza indwara? Kenshi cane ivyanditswe bivuga ko “ yabikoreshwa n’umutima w’ikigongwe” (raba Mat. 9:35-36; 14:14; 20:34; Mariko 1:41; 5:19; Luka 7:13). Icatuma Yesu akiza w’ar’umutima wo gukunda abantu kandi yari yuzuye imbabazi. None imbabazi za Yesu zaragabanutse kuva ahejeje igikorwa co kw’isi? Urukundo rwiwe rwaragabanutse? Oya na gato!

Iyindi Mpari: “Imana Igomba ko Ngwara ku Ntumbero Kanaka.”

(Another Objection: ”God Wants Me to be Sick for Some Reason.”)

Ivyo ntibishoka iyo turavye ivyanditswe tumaze kubona. Namba utarashika aho wemera, birashoboka kw’Imana irekurira indwara ku kwinnjira mwo bigutume wihana. Ariko n’ubu menya k’ubugombe bwiwe atar’uko uguma urwaye. Igomba ko wihana ubone gukira.

Vyongeye, Imana igomba k’urwara, none ni kuki uja ku bavuzi no kunywa imiti, ntuba ushaka gukira? Uba ushaka kuva mu “bugombe bw’Imana?”

Impair ya Nyuma: “None Tutarwara, Twopfa Gute?”

(A Final Objection: ”If We Never Suffer Disease, How Will We Die?”)

Turazi yuko Bibiliya yigisha kw’imibiri yacu yononekara (raba 2Kor. 4:16). Nta kintu twokora gishobora kubuza imvi kuza ku mutwe n’ugusaza kw’imibiri yacu. Mu bisanzwe ukubona no kwumva kwacu ntibiguma uko vyamye tukiri imiyabaga. Ntuba tuciruka nkuko twiruka. Imitima yacu ntiguma ikomeye nkuko yar’imeze kera. Tugenda dushira.

Ariko ntibisobanura ko dutegerezwa kwicwa n’indwara cank’ubumuga. Imibiri yacu irashobora gusaza gushika aho ihera, kandi bishitse, impwemu zacu ziva mu mibiri igihe Imana iduhamagaye tukaja i wacu mw’ijuru. abizera benshi bapfuye gurtyo. Weho ico bibuza n’igiki?

 


[1]

Mu mashengero amwe amwe muri Amerika, umukozi atanze iki cigwa aba akweze intambara mu bakristo. Yesu, na wenyene, yararwanye intambara n’abatizera vyazibiye igikorwa ciwe co gukiza indwara (raba Mariko 6:1-6).

[2]

Mu kwegeraniza hamwe ikintu cose gituma bumira ku vyizerwa vyabo, bamwe bagerageza kutwumvisha yuko Yesu yashikije vyose vyavuzwe muri Yesaya 53:4 mu gukiza abantu muri rya joro i Kapernawumu. Ariko Yesaya yavuze ko Yesu yikoreye indwara zacu, yashishaguwe kubera ivyaha vyacu (gereranya na Yes. 53:4 na 5). Yesu yikoreye icaha ca wa muntu yashishaguriwe. Rero, Matayo yariko yerekana kw’igikorwa ca Yesu co gukiza igihe yari i Kapernawumu kwari ukwemeza kw’ari we Mesiya yavuzwe muri Yesaya 53, umwe yikorera ivyaha n’indwara zacu.

[3]

Akarorero, Yesu yabwiye wa mugore yakiza ubutinyenka, “Mukobwa wanje, ukwizera kwawe kwagukijije (Mariko 5:34). Ijambo ry’ikigiriki ryasobanuwe “gukira” kur’uyu murongo ni “sozo” kandi ahandi mw’Isezerana Rishasha risobanura “gukizwa” “gukira” incuro nyinshi mw’isezerana rya Rishasha, akarorero, iryo jambo nyene “gukizwa” mu Banyefeso 2:5, “Ubuntu ni bwo badukijeje kubwo kwizera.” Rero turabona ko ugukira indwara kuri mu nsobanuro y’ijambo ry’Ikigiri rivuga “gukizwa.”

To subscribe to David Servant's periodic e-teachings, click here.


Kirundi » Gukira Kuva Mw’ijuru (Divine Healing)

Igice ca Cumi na Kabiri (Chapter Twelve) Abagore mu Gikorwa (Women in Ministry)

Igice ca Cumi na Kabiri (Chapter Twelve)

Kubera yuko kw’abakenyezi bagize igitiri kinini c’ishengero ry’Umwami Yesu Kristo, birakenewe gutahura igikorwa Imana yabahaye mu mubiri wa Kristo. Mu mashengero n’amabango menshi, abakenyezi barubahwa nk’abakozi b’igiciro, kanatsinda ni bo benshi muri buri gikorwa c’Imana.

Ariko ntibimeze gurtyo mu nzego zose. Har’amabango yo kuvuga no kurongora usanga kenshi abakenyezi bakumirwamwo. Amashengero amwe-amwe aramera abungere b’abakenyezi; ayandi ntabemera. Bamwe bemerera abagore kwigisha abandi bakabankira. Abandi barabuza abakenyezi kuvuga na gato mu makoraniro yabo.

Iryo tandukaniro riva ku nsobanuro bahaye amajambo Paulo yavuze ku gikorwa c’abakenyezi nk’uko tubisanga muri 1Kor. 14:34-35 na 1Tim. 2:11-3:7. Ibi vyanditswe ni vyo twisunga mu cigwa cacu, cane cane ku mpera z’iki gice.

Uhereye Kera (From the Beginning)

Ko dutanguye, reka turabe ico ivyanditswe bivuga ku mukenyezi uhereye kera. Abagore, co kimwe n’abagabo, baremwe mw’ishusho ry’Imana:

Nukw’Imana irema umuntu mw’ishusho yayo, mw’ishusho y’Imana ni ho yamuremeye; irema abantu bar’uburyo bubiri (Ita. 1:27).

Turazi, kw’Imana yaremye Adamu imbere yukw’irema Eva, kandi birafise insiguro niniya mu mpwemu nk’uko Paulo abivuga (raba 1Tim. 2:3). Turihweza insiguro yo mu mpwemu iri mur’urwo rutonde rw’irema nk’uko Paulo abisobanura, ariko ntibisigura yuk’umugabo ari we asumba umugore. Turazi kw’Imana yaremye ibikoko imbere yo kurema umuntu (raba Ita. 1:24-28), ariko nta wovuga kw’ibikoko biruta abantu.

[1]

 

Umugore yaremewe kuba umufasha w’umugabo (raba Ita. 2:18). N’ibi ntivyerekana kw’ari we mutoya, ariko vyerekana igikorwa ciwe mu rugo. Mpwemu Yera twamuhawe nk’umufasha, ariko ntidushobora kuvuga yukw’ari we mutoya kuri twebwe. Ahubwo, Mpwemu Yera ni we mukuru kuri twebwe! Kandi turashobora kuvuga yukw’Imana yaremye umugore abe umufasha w’umugabo kukow’Imana yabonye kw’abagabo bakenye gufashwa! Ni Imana ubwayo yavuze kw’atari vyiza k’umugabo yibana (raba Ita. 2:18). Ukwo kuri kwaremejwe ibihetangabo vyinshi muri kahise cane cane igihe umugabo asizwe ata mugore afise wo kumufasha.

Rero, turabona no ku ntago y’igitabo c’Itanguriro k’umugore wa mbere yakuwe mu rubavu rw’umugabo wa mbere. Yakuwe muri we, vyerekana yukw’iyo atagira umugore aba abura ikintu kinini kandi ko bompi ari umubiri umwe. Vyongeye, abo Imana yatandukanye yateguye ko basubizwa hamwe biciye mu mubano w’umugore n’umugabo, ntibisigura kurondoka, hamwe kwerekana urukundo no kuryoherana arivyo vyerekana k’umwe wese akeneye uwundi.

Ibi vyigwa vyose tubona mw’Itanguriro bihushanya n’ivyiyumviro vyo gushira igitsina kimwe hejuru y’ikindi, canke ko hagira uwuganza uwundi. Kandi kubera yukw’Imana yashizeho ibikorwa vy’abakenyezi mu ngo canke mu gikorwa c’Imana ntidushobora kuvuga yukw’Imana yagize umwe mukuru uwundi mutoya. Muri Kristo, “nta mugore nta mugabo” (Gal. 3:28).

Igikorwa c’Abakenyezi mw’Isezerano rya Kera

(Women in Ministry in the Old Testament)

Duhereye ku rufatiro rumaze gushirwaho, reka turabe bamwe mu bakenyezi Imana yakoresheje ngo bashitse ubugombe bwayo mw’Isezerano rya Kera. Biragaragara, kw’Imana yatanguye guhamagara abagabo mu gikorwa c’Imana nkuko biri mw’Isezerano rya Kera, mbere no Mwisezerano Rishasha. Inkuru z’abagabo nka Mose, Aroni, Yosuwa, Yosefu, Samweli na Dawidi nizo zuzuye mw’Isezerano rya Kera.

Abakenyezi benshi, hamwe n’ivyo, ni ikimenyetso c’ubushobozi bw’Imana mu guhamagara no gukoresha uwo ishaka wese, kand’abakenyezi bambitswe ubushobozi n’Imana barashoboye igikorwa cose ibahamagara gukora.

Tutaratangura kuraba umugore n’umwe mu buryo bwihariye, reka mvuge yuk’umukozi wese w’Imana yar’akomeye mw’Isezerano rya Kera yavyawe kandi arerwa n’umukenyezi. Mose ntiyari kubaho iyo hatabaho umugore yitwa Yokebedi (raba Kuv. 6:20). Kandi nta mukozi n’umwe w’Imana akomeye yari kubaho iyo hatagira abakenyezi babibaruka. Abakenye barahawe igikorwa gikomeye kandi kibereye gushimwa no mu gukuza abana mu Mwami (raba 2Tim. 1:5)

Yokebedi ntiyari nyina w’abakozi b’Imana babiri gusa, Musa na Aroni, mushikiwabo nawe yar’umuvugishwa n’umurongozi w’indirimbo yitwa Miriyamu (raba Kuvayo 15:20). Muri Mika 6:4, Imana yise Miriyamu hamwe na Mose na Aroni kw’ar’abarongozi bashizwe imbere y’ab’isirayeli:

Ko nabaduganye nkabakura mu gihugu ca Egiputa, ndabacungura nkabakura mu nzu y’ubuja, nkarungika Mose na Aroni na Miriyamu ngo babarongore (hongeweko insobanuro).

Kandi, igikorwa c’uburongozi Miriyamu yarafise nti cangana n’ica Mose. Ariko nk’umuvugishwa, kandi ndizera kw’ari vyiza kuvuga yukw’iganuke ry’Imana ryacu muri we nkuko rica mu bagabo muri Isirayeli.

Umucamanza w’Umugore muri Isirayeli (A Female Judge Over Israel)

Uwundi mugore Imana yahagurukije nk’umurongozi mub’Isirayeki yitwa Debora, yabayeho mu gihe c’abacamanza bab’Isirayeli. Nawe nyene, yar’umuvugishwa n’Imana, kandi yitwa umucamanza nka Gidiyoni, Yefuta na Samusoni mu bihe vyabo. Tumenyeshwa kw’”abisirayeki baja kuri we abacire imanza” (abacam. 4:5). Rero yarafatira ingingo n’abagabo, atawuvuga ngo ni umugore. Ntakosha ryarimwo igihe: Umugore abwira abagabo ivyo bakora, kandi Imana ikamuha amavuta amubashisha kubikora.

Nk’abandi bagore bose Imana ihamagara mu gikorwa c’uburongozi, Debora yarigeze guhura n’ikibazo c’umugabo yanse kwakira ijambo ry’Imana riciye mu mugore. Uyo mugabo yitwa Baraki, kandi kubera yuko yakekeranya ukuvugishwa kwa Debora kumwereka ingene aja kurwana n’umugabisha w’abanyakanani yitwa Sisera, yamubwiye kw’icubahiro c’uwishe Sisera kizohabwa umukenyezi. Yari mu kuri, umugore yitwa Yayeli aracibukwa mu vyanditswe nk’umugore yicishije Sisera urumambo rw’ihema n’inyundo (raba Abac. 4). Inkuru irangira Baraki iririmbana na Debora! Amajambo amwe amwe baririmba yashimagiza Debora na Yayeli (raba Abac. 5), kumbure Baraka yaciye yemera “umukenyezi mu gikorwa c’Imana” inyuma y’ivyo vyose.

Umugore wa Gatatu Yavugishwa n’Imana (A Third Prophetess)

Umukenyezi wa gatatu avugwa mw’Isezerano rya Kera nk’umuvugishwa yemewe yitwa Hulida. Imana yaramukoresheje mu guha ubuhanuzi n’uburongozi umugabo, umwami w’i Buyuda, Yosiya (raba 2Abam. 22). Kandi turabona akarorero k’umukenyezi yakoreshejwe n’Imana mu kwigisha umuntu w’umugabo. Kenshi cane, Hulida yakoreshwa n’Imana mur’ico gikorwa kenshi, ahandi ho umwami Yosiya ntiyari kwizera ivyo amubwiye ngo abigendere.

None ni kuko Imana yahamagaye Miriyamu, Debora na Hulida nk’abavugishwa? Ntiyari guhamagara abagabo mu gishingo c’abo bagore?

Nta nkeka yari gushobora guhamagara abagabo bakora ico gikorwa abo bakenyezi bakoze. Ariko si ko yabigize. Kandi ntawuzi igituma. Ico twokora ni kwirinda gushira Imana mu kigopo tuvuga yukw’idashobora gukoresha canke guhamagara abagore mu girkorwa c’Imana. N’ah’Imana yahamagaye abagabo mu gikoraw c’uburongozi mw’Isezerano rya Kera, har’igihe yahitamw’abagore.

Rero, menya yuk’abo bagore batatu bo mw’Isezerano rya Kera twafatiyeko uturorero bar’abavugishwa n’Imana. Har’ibindi bikorwa vy’Isezerano rya Kera tutabona mw’abagore. Akarorero, nta mugore yahamagarirwa kuba umuherezi. Bisigura yuko har’amabango Imana yaha abagabo gusa.

Abagore mu Gikorwa Nk’uko Biri mw’Isezerano rya Kera

(Women in Ministry in the New Testament)

Turabona umugore yavugishwa n’Imana mw’Isezerano Rishasha. Igihe Yesu yar’amaze imisi mikeya gusa avutse, Ana yaramumenye arangurura ijwi avuga yukw’ari we Mesiya:

Kandi hariho Ana, uwavugishwa n’Imana, umukobwa wa Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri, yar’umutamakazi wa kera, yabanye n’umugabo wiwe imyaka ndwi, uhereye ku kurongorwa kwiwe, kandi yamaze imyaka mirongumunani n’ine ar’umupfakazi, ntiyava mu rusengero gusenga, yisonzesha yinginga, ku murango no mw’ijoro. Ako kanya aca araza, ashima Imana, avuga ivya Yesu, abibwira abari barorereye ugucungurwa kwa Yerusalemu bose (Luka 2:36-38, hongeweko insobanuro).

Menya ko Ana yabwiye ivya Yesu abantu bose “bari barorereye ugucungurwa kwa Yerusalemu.” Harimwo n’abagabo. Rero turashobora kuvuga ko Ana yariko yigisha abagabo ivyerekeye Kristo.

Har’abandi bakenyezi Imana yakoresheje mu ngabire yo kuvugishwa n’Imana. Mariya nyina wa Yesu ari mur’uyo murwi (raba Luka 1:46-55). Igihe cose amajambo y’ubuvugishwa bwa Mariya asomwe mw’ishengero, bisigura yukw’ari umugore arikoyigisha ishengero. (Kandi Imana yubashe abakenyezi mu kurungika Umwana wayo mw’isi acishirije mu mugore, kandi yarigushobora kubigira mu bundi buryo bwinshi.)

Ico gitigiri kirabandanya kukw’Imana yavugiye muri Yoweli yukw’isuse Mpwemu wayo, ku bahungu n’abakobwa bab’Isirayeli kandi bazovugishwa (raba Yoweli 2:28). Petero yaramenyesheje yuk’ubuvugishwa bwa Yoweli bwega igihe c’isezerano rishasha (raba Ivyak. 2:17).

Turabwirwa mu vyakozwe n’intumwa 21:8-9 yuko Filipo umuvugishwa n’Imana yar’afise abakobwa bane bavugishwa n’Imana.

Paulo yaravuze ku bakenyezi bavugishwa n’Imana mu makoraniro (raba 1Kor. 11:5). N’abagobo bari ngaho.

Ivyo vyanditswe vyose bitwereka abakenyezi Imana yakoresheje nk’abavugishwa canke mu gutanga ubuhanuzi, ntidukwiriye kubohwa n’iciyumviro c’ukw’Imana ishobora gukoresha abakenyezi mur’ivyo bikorwa gusa! Ikirengeye vyose, nta kintu na kimwe cotubuza kwemera kw’abakenyezi bashobora kwigisha abagabo igihe Imana igomba guca muri bo.

Abakenyezi nk’Abungere? (Women as Pastors?)

Har’ingorane abakenyezi bakoze igikorwa c’ubwungere? Biragaragara kw’igikorwa c’umwungere/umukuru w’ishengero/umuzezwashengero Imana yagiteguriye abagabo:

Iri jambo n’iryo kwizigirwa: umuntu ni yagomba kuzezwa ishengero, aba yifuje igikorwa ciza. N’uk’umuzezwashengero akwiye kutabak’umugayo, kandi akwiye kuba umugabo afise umugore umwe (1 Tim. 3:1-2, dushimikira ku nsobanuro).

Icatumye ngusiga i Kirete kwar’ukugira ng’utanganye ivyasigaye, kandi mu gisagara caho cose ng’ushinge abakuru b’ishengero, nkuko nakubariye: ar’umuntu atabonekak’umugayo, afise umugore umwe gusa (Tit. 1:5-6, dushimikira ku nsobanuro).

Nta hantu na hamwe Paulo avuga kw’abakenyezi badashobora gukora iki gikorwa, natwe dutegerezwa kwirinda igihe tuvuga amajambo tutazi neza. Ndamaze kubona abakozi benshi kandi beza b’abakenyezi bakora igikorwa c’abungere/abakuru b’ishengero/abazezwashengero mw’isi hose, cane cane mu bihugu biriko biratera imbere, ariko n’aho nyene baracari bakeya. Kumbure Imana ibahamagarira gukora ico gikorwa igihe igomba gushitsa intumbero yayo kanaka cank’ibonye kw’ata bagabo bakwiriye ico gikorwa c’uburongozi. Birashoboka kandi yuko benshi mu bungere b’abakenyezi bari mu mubiri wa Kristo bafise iyindi mihamagaro Bibiliya yerekana kw’ishobora gukorwa n’abakenyezi, nk’ibango ryo kuvugishwa, arikw’amashengero amwe amwe ni yo abemerera gukora nk’abungere.

Ni kuki igikorwa c’ubwungere/ubukuru bw’ishengero/ubuzezwashengero giharirwa abagabo gusa? Gutahura ingene iryo bango rikora birashobora kudufasha cane. Kimwe mu bisabwa umwungere/umukuru w’ishengero/umuzezwashengero mu vyanditswe ni,

Ategerezwa kuba aganza neza abo mu rugo rwiwe, abana biwe bamwumvira, yanka umugayo wose. “(Uwutazi kuganza abo mu rugo rwiwe yoshobora ate kuzigama ishengero ry’Imana?”) (1 Tim. 3:4-5).

Iri tegeko rirumvikana cane igihe twibutse yuk’umurongozi wo mw’Isezerano Rishasha azezwa ishengero ritoya ryo mu nzu. Igikorwa ciwe cari kimeze nk’umuvyeyi yitwararika umuryango. Iki gituma dutahura igituma ibango ry’umwungere rikorwa n’abagabo—kuko bias cane n’ubuzima bwo mu muryango, kukw’arikw’Imana yabiteguye, gitegerezwa guhagarikirwa n’umugabo, s’umugore. Ibindi tuzobishikako hanyuma.

Abagore nk’Intumwa (Women as Apostles?)

Twamaze kwerekana yuk’umugore ashobora gukora mw’ibango ryo kuvugishwa n’Imana (igihe abihawe n’Imana). Mbega ntibashobora gukora ibindi bikorwa? Har’umuco dusanga mu ntasho za Paulo igihe yandikira Abaroma igice ca 16 aho ashimagiza abakenyezi batari bake bari mu gikorwa c’ubwami bw’Imana. Hari n’uwo yise intumwa. Mu mirongo itatu ikurikira, nanditse amazina y’abagore mu ndome zihangamye:

Mbashimiye Foyibe mwene Data, ni we mukozi w’ishengero ry’i kenkiriya, ngo mumwakire kubw’umwami wacu, nk’uko bibereye abera, kandi mumufashe kuc’azogomba cose, kuko nawe yafashije benshi, barimwo jewe. (Rom. 16:1-2, hongeweko inzobanuro).

Ukuri kuremejwe! Ntituzi neza igikorwa Foyibe yakora, ariko Paulo amwise “umukozi w’ishengero ry’i kenkireya” kandi ko “yafashije benshi,” nawe arimwo. Ico yakorera Umwami cose, gitegerezwa kuba cari igikomeye gushika aho Paulo amumenyekanisha mw’ishengero ry’i Roma ryose.

Uwukurikira ni Purisikila (Purisika), hamwe n’umugabo wiwe, Akwila, baribafise igikorwa gikomeye gushika ah’amashengero yose y’abanyamahanga abubaha:

Muntahirize Purisikila na Akwila abakoranye nanje muri Kristo Yesu, kandi bahevye iyabo mitwe ko yocibwa kugira ngo bakize amagara yanje. Si jewe jenyene mbashima, ariko n’amashengero yose yo mu banyamahanga arabashima. Kandi muntahirize ishengero ryo mu nzu yabo. Munthirize Epayineto, uwo nkunda, ni we yashurije abo muri Asiya babaye abakristo. Muntahirize Mariya yakoreye mwebwe cane. Muntahirize andironiko na Yuniya, dusangiye umuryango, ababohanywe nanje, ni ba rurangiranwa mu ntumwa, ni bo bantanze kuba muri Kristo (Rom. 16:3-7, dushimikiye ku nsobanuro).

Kuvyerekeye Yuniya, turashobora kwiyumvira yuk’umuntu “rurangiranwa mu ntumwa” ategerezwa kuba intumwa. Nimba insobanuro y’ukuri ari Yuniya, ni umugore. Purisikila na Mariya bar’abakozi b’Umwami.

Muntahirize Ampuliyato, uwo nkunda mu mwami wacu, muntahirize Urubano, akorana natwe muri Kristo, na Sitaku, uwo nkunda. Muntahirize Apele yagejejwe akarama muri Kristo. Muntahirize abo mmu bo kwa Arisitoburo. Muntahirize Herodiyoni dusangiye umuryango, muntahirize abo mu bo kwa Narukiso, abari mu Mwami wacu. Muntahirize Tirufaniya na Tirufoza, bakorera mu Mwami wacu. Muntahirize Perusi akundwa, yakoreye mu Mwami cane. Muntahirize Rufo, yatoranijwe n’Umwami, na nyina ni nka mama. Muntahirize Asunkirito, na Fulegoni, na Herume, na Patiroba, na bene Data bari kumwe nabo. Muntahirize Filologo na Yuliya, na Nereyu na mushiki we, na Olumpa n’abera bose bari kumwe na bo (Rom. 16:8-15, dushimikiye ku nsobanuro).

Biragaragara kw’abakenyezi bashobora kuba “abakozi” mu gikorwa c’Imana.

Abagore nk’Abigisha? (Women as Teachers?)

Abagore barashobora kwigisha? Isezerano Rishasha ntaco ribivugako. Kanatsinda, Bibiliya ntitwereka umugabo yahamagariwe kwigisha. Purisikila (umwe twasoma kandi azwi kw’izina rya Purisika), muka Akwila, yarigisha n’imiburiburi mu rwego rutoya. Akarorero, igihe we na Akwila bumva Apolo yigisha ubutumwa budakwiye muri Efeso, “bamujana i wabo, barushiriza kumutahuza inzira y’Imana” (Ivyak. 18:26). Nta n’umwe yoharira yuko Purisikila atafashije umugabo wiwe mu kwigisha Apolo, umugabo. Vyongeye, mu vyanditswe Paulo avuga icuro zibiri kuri Purisikila na Akwila igihe yandika ku “mashengero ari mu nzu yabo” (raba Rom. 16:3-5; 1Kor. 16:19), kandi bompi “barakoranye nawe muri Kristo” mu Baroma 16:3. Ntituzi neza ko Purisikila yar’afise igikorwa kibangikanije n’ic’umugabo wiwe.

Aho Yesu Ategeka Abagore Kwigisha Abagabo

(When Jesus Commanded Women to Teach Men)

Imbere yo kuvuga amajambo ya Paulo ategeka abagore gucereza mu makoraniro no kubuza abagore kwigisha abagabo, reka turabe ikindi canditswe kimwe gituma dutahura neza ivyo bintu.

Igihe Yesu yazuka, umumarayika yarungitse n’imiburiburi abagore batatu kubwiriza abigishwa ba Kristo n’aho bar’abagabo. Abo bagore barungiswe kubwira intumwa yuko Kristo yazutse kandi kw’azobabonekera i Galilaya. Ariko ntibigarukira ngaho. Haheze igihe gito, Yesu ubwiwe agaragarira ba bagore maze abategeka kuja kumenyesha abigishwa ko baja i Galilaya (raba Mat. 28:1-10; Mariko 16:1-7).

Nibaza kw’ari ngirakamaro cane kubona Yesu abanza kwiyereka abagore agaherukira ku bagabo. Ubwa kabiri, iyo haba ikintu kibi kiri igihe abagore bigisha abagabo, umuntu arashobora kubona yuko Yesu atari kwigera atuma abo bagore kuja kumenyesha abagabo izuka ryiwe, ikintu ngirakamaro nk’ico, kandi yarigushobora kwitangira ubwo butumwa ubwiwe nyene (kandi mu nyuma yarabigize). Nta muntu aharira ko: Umwami Yesu yategetse abagore kwigisha ukuri ngenderwako no guha abagabo impanuro kanaka mu mpwemu.

Imirongo Itera Ingorane (The Problem Passages)

Kodutahura ico Bibiliya ivuga ku bikorwa abagore bashobora gukora, turashobora gusobanura “imirongo itera ingorane” dusanga mu nyandiko za Paulo. Reka twihweze amajambo yiwe avuga kw’abagore bacereza mu makoraniro:

Abagore bacereze mw’ishengero, kuko batemererwa kuvuga. Ariko baganzwe, nk’ukw’ivyagezwe na vyo bibivuga. Kandi nihagira ico bagomba kwiga, barbarize abagabo babo i muhira, kuko biteye isoni k’umugore avuga mw’ishengero (1 Kor. 14:34-35).

Mbega aya majambo ni yo nyigisho Paulo ahaye ab’i Korinto canke ni inyishu yatanze akurikije ivyo bamwandikiye bamubaza (raba 1Kor. 7:1, 25; 8:1; 12:1; 16:1, 12).

Vyongeye, ku karongo gakurikira, Paulo yandika ivyo tokwita inyishu ya Paulo ku ngeso y’ab’i korinto yo gucecekesha abagore mw’ishengero:

Mbega kuri mwebwe ni ho ijambo ry’Imana ryandurutse? Canke ryashitse kuri mwebwe gusa? (1 Kor. 14:36).

Bibiliya y’icongereza yitwa The King James Version isobanura uyu murongo gushika aho yerekana ingene Paulo atangazwa n’ingeso y’ab’i Korinto:

Ni gute? Mbega ijambo ry’Imana ryavuye kuri mwebwe? Canke ryaje gusa kuri mwebwe? (1 Kor. 14:36).

Uko bimeze kwose, Paulo yarikw’abaza ibibazo bibiri. Inyishu ya vyose ni Oya. Ab’i Korinto sibo bazanye ijambo ry’Imana, kandi ijambo ry’Imana ntiryahawe bo gusa. Ibibazo vya Paulo bisa n’uko yarikw’arabankamira kubera ubwibone bwabo. Nimba ivyo ari vyo yarikw’aravuga kur’iyo mirongo ibiri itangura, azoba yarikw’avuga ati, “Mwiyumvira ko mur’iki? Mwatanguye ryari kubwira Imana abo icishirizamw’ijambo ryayo? Imana irashobora gukoresha abagore igihe ivyishakiye, kandi mur’ipfu kubona mubacecekesha.”

Iyi nsobanuro iratahurika igihe twibutse yuko Paulo amaze kuvuga, mur’iki cete nyene, uburyo bwiza bwo kwifata igihe abakenyezi bavugishwa mu mashengero (raba 1Kor. 11:5), uko s’ugucereza. Ikirengeye vyose, ku mirongo mikeya gusa ikurikira iyo turiko tuvugako ni ho Paulo ahanura ab’i Korinto bose,

[2]

n’abagore barimwo ati, “mwifuze cane kuvugishwa n’Imana” (1 Kor. 14:39). Inyigisho ziwe zari kuba zirwanya ybwazo iyo aba arikw’ashiraho icagezwe co gucekesha abagore mu makoraniro muri 14:34-35.

Izindi Nzira (Other Possibilities)

Reka dufate yukw’amajambo ari muri 1 Ab’I Korinto 14:34-35 ar’amajambo ya Paulo, kandi kw’ariko abwira abakenyeze guceceka mw’ishengero. Twobisobanura gute none?

Ubugira kandi, dutegerezwa kwibaza igituma Paulo yoha abagore icagezwe co guceceka mw’ishengero kandi yavuze mur’ico cete nyene yuko bashobora gusenga no kuvugishwa mw’ishengero, iy’abantu bakoranye.

Ikirengeye vyose, Paulo yar’azi uturorero twa Bibiliya ah’Imana ikoresha abakenyezi mu bikorwa bigaragara, mbere no gukorera abagabo. Ni kuki yocecekesha abo Imana yasize amavuta yokuvuga?

Ubwenge busanzwe butwereka ko Paulo atarikw’abwira abagore gucereza mw’ishengero. Menya neza kw’ishengero rya mbere rya koranira mu ma zu no gusangira. Wiyumvira yukw’abagore ataco bavuga kuva binjiye gushika basohotse? Ntibavuga bariko baragabura indya canke basangira n’abandi? Nta nico bavugisha abana babo gushika batashe? Ico ciyumviro nticumvikana.

Kukw’aho “babiri canke batatu bazoba bakoraniye” mw’izina rya Yesu, nawe azoba ari hagati muri bo (raba Mat. 18:20), iryo ni koraniro, igihe babiri canke batatu, igihe abagore babiri bakoranye mw’izina rya Yesu, ntibashobora kuvugana?

Oya, namba 1 ab’i Korinto 14:34-35 ari inyigisho ya Paulo koko, azoba yarikw’ashir urutonde mw’ishengero. Har’abagore batubahiriza urutonde mu kubaza ibibazo. Paulo ntiyarikw’avuga kw’abagore boguma bacecetse mw’ikoraniro ryose, nkuko yahaye impanuro abavugishwa mu mirongo yitangira iyo turiko twigako, ntiyashoka ko baceceka kuva kun tango gushika kw’iherezo:

Arik’uwundi [muvugishwa] yicaye ni yagira ico ahishurirwa, uwabanje ahore (1 Kor. 14:30, dushiimikiye ku nsobanuro).

Arikw’aha, amajambo “guceceka”asobanura “kwigumya ntuvuge mu kiringo runaka.”

Paulo yabwira abavuga mu ndimi guceceka igihe mw’ikoraniro har’uwusobanura:

Ariko niha hatarih’uwubisobanura, uwuvuga urutamenyeka acereze mw’ishengero , yibwire, kand’abwire Imana (1 Kor. 14:28, hongeweko insobanuro).

Mbega Paulo yarikw’abwira abo bantu baceceke burundu mw’ikoraniro ryose? Oya, yarikw’ababwira gusa ko boreka kuvuga mu zindi ndimi igihe batagira uwuzisobanura. Menya ko Paulo yababwiye “guceceka mw’ishengero”, ijambo yabwiye abagore muri 1Kor. 14:34-35. Ni kuki dusobanura amajambo Paulo yabwiye abagore yukw’”ari uguceceka mu makoraniro yose,” tugaca dusobanura ayo yabwiye abavuga izindi ndimi batagira uwuzisobanura yuko “bigumya akanya gatoya mw’ikoraniro”?

Mu kurangiza, menya kw’amajambo ya Paulo atabwirwa abagore bose. Ayo majambo abwirwa abagore bubatse gusa kuko “babwirwa kubaza abagabo babo i muhira” iyo bafise ico babaza.

[3]

Kumbure ikibazo nyamukuru yar’abagore bubatse babaza ibibazo ku bandi bagabo kandi abagabo babo baringaho. Iyo ngeso iboneka kw’itabereye kandi ishobora kuvamwo kubura indero no kutumvira abagabo babo ku rugero runaka. Namba ico arico car’ikibazo Paulo yarikw’aravuga, birashoboka kuba igituma ashimikira k’uguca bugufi kw’abagore no kwubaha (abagabo babo), nkukw’ivyegezwe bibivuga ahantu hensi uhereye kw’itanguriro (raba 1 Kor. 14:34).

Muri make, namba Paulo yarikw’aratanga itegeko ry’ukw’abagore bacereza muri 1 Ab’I Korinto 14:34-35, abwira abagore bubatse gusa kugira boye kubaza ibibazo mu mwana utabereye canke mu buryo busuzugurisha abagabo babo. Ahandi ho, barashobora kuvugishwa, gusenga no kuvuga.

Uwundi Murongo w’Ingorane (The Other Problem Passage)

Turashikiriye uwundi “murongo utera ingorane,” dusanga mu cete ca mbere Paulo yandikiye Timoteyo:

Umugore yige atekereje agamburuka rwose. Ariko sinkundira umugore ko yigisha canke kw’aganza umugabo, arikw’atekereze. Kuko Adamu ari we yabanje kuremwa, hanyuma Eva. Kandi Adamu siwe yahenzwe, arik’umugore ni we yahenzwe, agwa mu bicumuro (1 Tim. 2:11-14).

Nta nkeka Paulo yar’azi kuvyereke Miriyamu, Debora, Hulida na Ana, abavugishwa bane Imana yavugishije ku nyungu y’abagabo n’abagore, babigisha neza ubugombe bw’Imana. Kandi yaramenye ko Debora, umucamanza mu b’Isirayeli, yar’afise ububasha runaka ku bagabo n’abagore. Kandi yaramenye kw’Imana yasutse Mpwemu weyo ku musi wa Pentekote, mu gushitsa ubuhanuzi bwa Yoweli ku bihe vy’iherezo ah’Imana yasutse Mpwemu wiwe kubari n’umubiri bose kugira abahungu n’abakobwa bavugishwe no gutanga amajambo y’Imana. Kandi yar’azi ko Yesu yategetse abagore runaka kujana ubutumwa biwe ku ntumwa tuzi ko bar’abagabo. N’ukuri yarazi n’amajambo yerekeye ukwemerwa, yandikiye ishengero ry’ab’i Korinto, kw’abagore basenga no kuvugishwa igihe ishengero rikoranye. Kandi yar’azi ko yabwiye ab’i Korinto yuko umuntu wese ashobora kuronka ijambo ryo gusangira n’abandi nkukw’arihawe na Mpwemu Yera (raba 1Kor. 14:26). Igihe yandikira Timoteyo aya majambo yashaka kuvuga iki?

Menya ko Paulo akoresheje amajambo abiri yo mw’Itanguriro nk’urufatiro rw’inyigisho yiwe: (1) Adamu ni we yatanguye kuremwa maze (2) Eva arakurikira kandi Adamu si we yahanzwe, ingene icaha cinjiye mu bantu. Ukwo kuri kwa mbere gushiraho ugutahura kwiza imigenderanire iri hagati y’umugore n’umugabo. Nkuko urutonde rw’irema rubitwereka, umugabo ni we mutwe, ivyo Paulo aravyigisha n’ahandi mu vyete vyiwe (raba 1Kor. 11:3; Ef. 5:23-24).

Ukuri kwa kabiri Paulo yerekana ntikuvuga yukw’abagore ari bo bagwa mu caha cane gusumba abagabo, kuko si vyo. N’ukuri, kubera yuko har’abagore benshi mu mubiri wa Kristo kuruta abagabo, turashobora guharira tuvuga yukw’abagabo ari bo bashobora kugwa mu caha cane kuruta abagore. Ahubwo, ukwo kuri kwa kabiri kwerekana kw’igihe urutonde Imana yashize mu muryango rutubahirijwe Satani arashobora kuronka ah’aca. Ingora z’abana b’abantu zatanguriye muri Edeni igihe urutundo rw’imigenderanire hagati y’umugabo n’umugore itubahirijwe—Muka Adamu ntiyumviye umugabo wiwe. Adamu ategerezwa kuba yarabwiye mukiwe ku vyerekeye icamwa kizira (raba Ita. 2:16-17; 3:2-3). Ariko we, ntiyarushe yumvira iyo nyigisho. Mu nzira imwe, yaraganje umugabo wiwe igihe yamuha kurya ku camwa kizira (raba Ita. 3:6). Adamu si we yayoboye Eva ngaha; Eva ni we yayoboye Adamu. Ingaruka yar’agahomerabunwa.

Ishengero— Ikigereranyo C’Urugo (The Church—A Model of the Family)

Urutonde Imana yashize mu rugo ruhishurwa n’urwo yashize mw’ishengero. Nk’uko maze kubivuga, ni ngirakamaro cane kumenya yuko mu myaka amajanatatu ya mbere ya kahise k’ishengero, amashengero yari matomato. Bakoranira mu mazu. Umwungere/umukuru w’ishengero/Umuzezwashengero bagereranywa na Se rugo. Uru rutonde rw’ishengero Imana yashizeho rusa n’urwoyashize mu rugo, kanatsinda war’umuryango wo mu mpwemu, umugore abaye umutwe vyaba akarorero kabi mu miryango y’abasengera ngaho cank’abari hanzi y’iryo shengero. Iyumvire umugore abaye umwungere/umukuru w’ishengero/umuzezwashengero akaguma yigisha mu nzu, umugabo wiwe yicaye ngeho mu guca bugufi, amwumviriza uko yigisha kandi aganzwa nawe. Vyarikuba nk’ukurwanya urutonde rw’Imana mu muryango, kandi icetegerezo cari kibaye kibi.

Iyi ni yo nsobanuro y’amajambo ya Paulo yavuga. Menya yuko tuyasanga hafi y’ibisabwa umuntu ashaka kuba umuzezwashengero (raba 1Tim. 3:1-7), kimwe n’uko uwo muntu ategerezwa kuba umugabo. Ni vyiza ko tumenya kandi kw’abazezwashengero bategerezwa kwama bigisha ishengero (raba 1Tim. 5:17). Amajambo ya Paulo ko abagore bigishwa mu guca bugufi no kutemererwa kwigisha canke kuganza abagabo asa n’urutundo ruteregerezwa kuba mw’ishengero. Ni co kibi yerekana c’uko umugore, mu buryo bumwe cank’ubundi aba umukuru w’ishengero/umwungere/umuzezwashengero.

Ntibisigura yuk’umugore/umukenyezi adashobora ico gikorwa, igihe yubaha umugabo wiwe, arashobora gusenga, kuvugishwa, kuronka inyigisho yo gusangira n’umubiri wose, canke kwigisha igihe ishengero rikoranye. Ibi vyose arashobora kubikora mw’ishengero adasenyuye urutonde rw’Imana, nkukw’ashobora kubikora mu rugo adasenyuye urutonde Imana yashizeho. Ico yabujijwe kugira mw’ishengero cank’ivyo yabujijwe kugira mu rugo—ni kuganza umugabo wiwe.

Kandi turabona mu mirongo yakurikiye kw’abagore bashobora gukora mu gikorwa c’ubudiyokoni nk’abagabo (raba 1Tim. 3:12). Gukora mw’ishengero nk’umudiyakoni, canke umukozi nkukw’ijambo ribisobanura, umugore ntaba asenyuye urutonde Imana yashize hagati y’umugore n’umugabo.

Iyi ni yo nzira mbona ishobora guhuriza hamwe ivyo Paulo yavuze muri 1Timoteyo 2:11-14 hamwe n’inyigisho z’ibindi vyanditswe. Mu turorero twose twabonye mu vyanditswe aho Imana ikoresha abagore, nta na kamwe kigisha nk’urutonde Imana yashize mw’ishengero, kandi nta na kamwe gasenyura urutonde Imana yashizeho. Muri twose nta nahamwe dusanga umugore aganza umugabo n’aho twosuzuma mu ngo zabo. Ubugira kandi, uyimvire ikoraniro rigizwe n’ingo zitandukanye zihurira mu nzu imwe maze umugora akaba ari we aganza, yigisha na guhagarikira vyose n’ay’umugabo wiwe yicaye mu bwitonzi no guca bugufi musi y’uburongozi bw’umugore wiwe. Ibi sivy’Imana ishaka, kuko birwanya urutonde rwayo mu muryango.

Ariko Debora kuba umucamanza muri Isirayeli, Ana abwira abagabo ivya Kristo, na Mariya n’abagenzi biwe abwira intumwa ivy’izuka rya Kristo, nta n’umwe mur’abo atanga ubutumwa bubi ku bijanye n’urutonde rw’Imana mu rugo. Gukorana kw’ishengero ni ho gusa akarorero kabi gashobora kwerekanwe igihe abagore/abakenyezi baganje abagabo babo kandi akaba aribo baguma bigisha abagabo/abashingantahe babo.

Incamake (In Conclusion)

Iyo twibaza duti, “Hari ikibi c’abakenyezi mu gikorwa igihe bakorera abandi n’umutima w’urukundo, bakoresha neza ingabire bahawe n’Imana? Mbega vyonona iki mu mico canke mu ngeso?” Dusanga ikibi ari igihe ico gikorwa kiza gusenyura urutonde Imana yashize hagati y’umugabo n’umugore, abashingantahe n’abakenyezi. Mu “mirongo itera ingorane” twabonye, Paulo aratsimbataza urutonde rw’Imana mu rugo.

Tubona kw’abagore bakumirwa cane mu gikorwa c’Imana. Ahandi hose, Imana igomba gukoresha abakenyezi kubw’icubahiro ciwe, kandi yabikoze kuva imyaka ibihumbi iheze. Ivyanditswe vyerekana intererano niniya yazanywe n’abagore mu kwagura ubwami bw’Imana, bimwe muri vyo turamaze kubibona. Ntitwibagire kuvuga yuko bamwe mu bagenzi ba hafi Yesu yar’afise harimwo abagore (raba Yohana 11:5), abo bagore barashigikiye igikorwa ca Yesu mu gutanga amahera (raba Luka 8:1-3), ikintu ata mugabo n’umwe yakoze. Wa mugore kw’iriba ry’i Samariya yabwiye abagabo bo mu gisagara ciwe inkuru za Yesu nabo baramwizera (raba Yohana 4:28-30, 39). Umwigishwa w’umugore yitwa Tabita “uwo mugore yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bwinshi yagira” (Ivyak. 9:36). Uwasize Yesu amavuta yar’umugore, kandi yaramuvugiye igihe abagabo bari batanguye kumwidodombera (raba Mariko 14:3-9). Mu kurangiza, Bibiliya ivuga yukw’abagore ari bo barize igihe Yesu yikorezwa umusaraba mu mabarabara y’i Yerusalemu, abagabo ntibavugwamwo. Utu turorero hamwe n’utundi dusa n’utwo dutegerezwa gutera integer abagore zo guhaguruka no gushitsa ibikorwa Imana yabahamagariye. Turabakeneye bose aho bava bakagera!

 


[1]

Ni vyiza kumenyak’umugabo wese yavyawe n’umugore n’aho umugabo ari we yatunguye kuremwa nk’uko Paulo ibitwibutsa 1 Ab’i Korinto 11:11-12. Bisigura yuk’umugabo wese ari mutoya kuri nyina yamuvyaye.

[2]

Impanuro ya Paulo ibwirwa “bene Data”, ijambo akoresha incuro 27 mur’iki cete, kandi ryerekana umubiri wose wa Kristo i Korinto, s’abagabo gusa.

[3]

Ni vyiza kumenya yuko mu Kigiriki, nta jambo ryatandukanya umugore na mka ntuze, canke umugabo n’ umugabo wa ntuze. Turabira ku yindi mirongo kugira tumenye ko uwanditse yavuga ku mugabo n’umugore, cank’umushingantahe n’umutambukanyi wiwe, mur’uyo murongo Paulo avuga kuri muka ntuze, ko ashobora kubaza umugabo wiwe i muhira.

Kwahukana no Gusubira Kurongora (Divorce and Remarriage)

Igice ca Cumi na Gatatu (Chapter Thirteen)

Icigwa co kwahukana no gusubira kurongorana gitegerezwa gukurikiranwa n’abakristo batagira uburyarya. Har’ibibazo bibiri ngenderwako mur’iki cigwa: (1) Ni ryari, kwahukana vyemerwa mu nyonga z’Imana? Na (2) ni ryari, gusubira kurongora vyemerwa mu nyonga z’Imana? Amadini menshi n’amashengero y’igenga arafise inyigisho zivuga kuvyemerwa n’ibitemerwa iwabo, ivyo vyose vyenena ku nsobanuro baha ivyanditswe. Dutegerezwa kububaha no kwubaha ivyo bizera—igihe ivyo bizera biva ku mutima wo gukunda Imana. Vyoba vyiza, hamwe n’ivyo, ko twese tugira ivyizegwa Bibiliya ishingira intahe ibice 100 kw’ijana. Umukozi agira abigishwa ntiyigisha ibirwanya intumbero y’Imana. Kandi ntashobora kuremeka abana b’Imana imitwaro Imana ubwayo idashaka ko bikorera. Ni mur’iyo ntumbero, ngomba kugira uko nshoboye kwose nsobanure invyanditswe kur’iri jambo rizazanira abantu kandi ndaguhaye akaryo ko kuvyemera canke kuvyanka.

Reka mpere kukubwira yuko, nka we, nanje mbabazwa n’ingene kwahukana bikwiye mw’isi hose. Ikimbabaza cane n’ukw’abiyita abakristo bamwe bamwe bariko barahukana, mbere n’abitwa abakozi b’Imana barimwo. Iri ni ibara. Dukwiriye kugira ukodushobora kwose duhagarare turwanye irwirirana ry’iri shano, kandi inyishu nziza y’ikibazo co kwahukana ni kuvuga ubutumwa no guhamagarira abantu kwihana. Igihe abantu babiri babana kandi bamaze kuvuka ubwa kabiri koko no gukurikira Kristo, ntibazokwigera bahukana. Umukozi agira abigishwa azogira ivyo ashobora vyose bituma urugo rwiwe rurama, akamenya yukw’akarorero atanga ni yo nzira ikomeye yo kuvuga ubutumwa.

Reka nongereko maze imyaka mirongibiri n’itanu nubatse mu munezera kandi ntari bwigere n’ubaka imbere yaho. Sinshobora kwiyumvira ingene no kwahukana. Nta ntumbero mfise yo guhindura ivyanditswe bivuga ku vyokwahukana ku nyungu yanje. Ahubwo, ngirira impuhwe abantu bahukanye, nkamenya yuko narigushobora kwihenda nkir’umusore, nkarongora umuntu nzoshika aho umusi umwe tuzogeragezwa tukahukana, canke umuntu adashobora kunyihanganira nk’umugore wanje narongoye. Mu yandi majambo, narigushobora kwahukana, ariko sinahukanye kubw’ubuntu bw’Imana. Ndiyumvira kw’abantu benshi bubatse bashobora gutahura ivyo mvuga, rero dutegerezwa kwirinda gutera amabuye abantu bahukanye. Tur’iki, abafise ingo zigumye, ngo dushobore gucira imanza abahukanye, kandi tutazi na gato ivyo baciyemwo? Imana irashobora no kubaharurako ukugororoka kudusumba, kukw’izi yuko twebwe, iyo duca muvyo baciyemwo, twari kuba twarahukanye kuva kera.

Nta muntu n’umwe arongora kugira ngo azeyahukane, kandi ndizera kw’ata muntu yanka kwahukana nk’uwumaze kubona ingaruka mbi zo kwahukana. Rero ni vyiza gufasha abubakanye kugumana, kandi tugafasha abamaze kwahuka kuronka ubuntu Imana yababikiye. Ivyo mvuga biri mu mpwemu.

Ndagerageza kureka ivyanditswe vyisobanure. Ndamaze kubona yukw’ivyanditswe kur’iki cigwa babisobanura nabi gushika aho birwanya ico ibindi vyanditswe bivuga, ari no co kimenyamenya c’uko iyo mirongo yatahuwe nabi, canke igice.

Urufatiro (A Foundation)

Reka duhere k’urufatiro rw’ukuri dushobora kwemera twese. Ivyanditswe bivuga kw’Imana idashigikiye kwahukana muri rusangi. Uhereye mu gihe abagabo b’abisirayeli birukana abagore babo, yavugiye mu mukozi wayo Malaki:

Kuko nanka ivyo kwahukana…nanka n’uwutwikira umwambaro wiwe umuryano….Nuko rero mwirinde mu mitima yanyu mwoye kuryarukana (Mal. 2:16).

Ibi nta n’umwe bishobora gutanza igihe amenye ingeso y’urukundo n’ingeso y’Imana, canke k’umuntu azi ingene kwahukana vyonona abagabo, abagore n’abana. Dutegerezwa gusuzuma ingeso n’intumbero y’umuntu yahukanye muri rusangi. Imana ni rukundo (raba 1Yohana 4:8), kandi yanka kwahukana.

Abafarisayo barabajije Yesu ko vyemewe kwahukana ku “mvo iyari yo yose.” Inyishu yiwe yerekana ingene yanka kwahukana. Vyongeye, kwahukana nta n’umwe avyifuza:

Abafarisayo baza kuri we bamugeza, baramubaza, “bati Mbega biremerwa k’umuntu yirukana umugore wiwe kubw’inyanduruko y’ikintu cose?” Na we arabishura, “ati Nta ho murasoma yuk’uhereye mbere na mbere Rurema yabaremye mur’uburyo bubiri, ikavuga, ‘iti Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata’? bompi bakaba umubiri umwe? Bituma batakiri babiri, ariko baba babaye umubiri umwe. Nukw’ico Imana yamatanije, umuntu ntaz’akimature” (Mat. 19:3-6).

Turazi ko har’ih’ubwoko bubiri bw’ivyiyumviro mu barongozi b’Abayuda igihe ca Yesu. Tuzoraba ayo mashule abiri y’ivyiyumviro ido n’ido, ariko ndashobora kubamenyesha yuko bamwe bumira ku vyagezwe abandi ba sindabinezwe. Abumira ku vyanditswe bizera k’umuntu ashobora kwirukana umugore wiwe kubera imvo zikomakomeye. Ba sindabinezwe bizera k’umuntu ashobora kwirukana umugore wiwe ku mvo iyari yo yose, harimwo no kuronka uwundi mugore mwiza. Ibi vyizerwa ni vyo Abafarisayo bisunze mu kugerageza Yesu.

Yesu yakoresheje ivyanditswe ahereye kw’Itanguriro vyerekana yukw’intumbero y’Imana ari uguhuza umugabo n’umugore akaramata, s’ivy’imfatakibanza. Mose yavuze kw’Imana yagize ibitsina bibiri mu ciyumviro co kugira umuryango umwe, kand’uwo muryango washiriweho kugiranira imigenderanire. Igihe ishezweho, igira igiciro kinini kuruta imigenderanire umuntu agiriranira n’abavyeyi biwe. Abagabo barareka abavyeyi babo bakaja kubana akaramata n’abagore babo.

Ikirengeye vyose, gushirwa hamwe mu guhuza ibitsina bibajana mu bumwe Imana yabashiriyeho. Biragaragara, ukunywana nk’uko, gutuma barondoka, nti kwashizweho n’Imana ngo kube imfatakibanza, ahubwo kwama ibihe vyose. Ndiyumvira k’ubwoko bw’inyishu yahaye Abafarisayo bwerekana ukubabara kwa Yesu gutumwe n’ico kibazo babajije. Imana ntiyatumbereye na gato kw’abantu birukuna abagore babo kubera “imvo iyariyo yose.”

N’ubundi, Imana ntiyari yiteze k’umuntu azocumura, ariko twese twaracumuye. Kubw’imbabazi ziwe, Imana yarashizeho inzira idukura mu buja bw’icaha. Ikirengeye vyose, arafise ico yotubwira igihe dukoze ic’adashoka ko dukora. Nkuko nyene, Imana ntiyiteze ko hagira uwahukana, ariko kwahukana vyarabayeho kukw’abantu batumvira Imana. Imana ntiyantangaye igihe haba ukwahukana kwa mbere canke ukwahukana kutagira igitigiri kw’abandanije kugeza kur’uyu musi. Rero ntavuga gusa ko yanka kwahukana, arafise n’ico abwira abantu iyo bamaze kwahukana.

Mw’Itanguriro (In the Beginning)

Dufatiye k’urufatiro rumaze gushirwaho, turashobora gusuzuma ivy’Imana yavuze ku kwahukana no gusubira kurongorana. Kanatsinda amajambo azazanira abantu cane n’amwe Yesu yabwiye Abisirayeli ku vyo kwahukana no kurongorana; biradufasha gutangura kwiga ivyo Imana yabwiye Mose kur’ico cigwa haraheze imyaka amajana n’amajana. Dusanzwe tuzi yukw’ivy’Imana yavugiye muri Mose ari vyo yavugiye muri Yesu, twosanga bidahuje twoca tuvuga kw’ivyagezwa vya mbere vy’Imana vyahindutse canke ko twasobanuye nabi amajambo ya Mose na Yesu. Duhere ku kwahukana no gusubira kurongora.

Ndamaze kuvuga igice c’Itanguriro 2, nk’uko Yesu yabivuze, gifitaniye isano n’icigwa co kwahukana. Ubu rero, reka dusome ibirimwo:

Urwo rubavu Uhoraho Imana akuye mur’ uwo muntu, arukuramw’umugore, umuzanira uwo muntu. Maz’uwo muntu aravuga, “at’Uyu n’igufa ryo mu magufa yanje; n’akara ko mu mara yanje; azokwitwa umugore kuko yakuwe mu Mugabo.” Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata, bakaba umubiri umwe (Ita. 2:22-24).

Iyi niyo ntango y’urugo. Imana yaremye umugore wa mbere imukura mu mugabo wa mbere kand’imuremure kuba uw’uyo mugabo, kandi imuzana yo nyene kuri we. Mu majambo ya Yesu, “Imana…yarabamatanije” (Mat. 19:6, hongeweko insobanuro). Uru rugo rwa mbere Imana yahezagiye rubera akarorero ubukwe bowe buzokurikira. Imana irema igitigiri kingana c’abagabo n’ic’abagore, kandi ibarema kugira ngo bazobane n’abo badasangiye igitsina. Turashobora kuvuga ko n’ubu Imana igitegura ubukwe mu buryo bwiyaguye (n’aho ubu umuntu umwe yironderera benshi kurusha Adamu we yahawe Eva gusa). Nuko, nkuko Yesu yabivuze, ntihakagire uwumatura ico Imana yamatanije. Nti yar’intumbero y’Imana kw’uwo muryango utandukana, ariko harih’imigisha yo kubana mu gukundana no gufashanya bari babikiwe. Kurenga ubugombe bw’Imana vyahindutse icaha. Guhera ku gice ca kabiri ca Bibiliya, biragaragara kw’Imana itari itumbereye ukwahukana.

Ivyagezwe vy’Imana Vyanditswe mu Mitima (God’s Law Written in Hearts)

Nsabe n’aboba batarasoma igice ca kabiri c’Itanguriro ko bamenya yuko kwahukana ari bibi, igihe habaye isezerano ryo kwabirana mu mico mwinshi y’abapagani rirubahirizwa n’aho bataba bazi Bibiliya. Nkuko Paulo yanditse mu cite ciwe ku Baroma:

Abanyamahanga badafise ivyagezwe n’Imana iyo bakoze ibibwirizwa navyo kubwabo, baba bihindukiye ivyagezwe naho batabifise: kuko berekana igikorwa kibwirijwe n’ivyagezwe canditse mu mitima yabo ijwi ryo mu mitima yabo ribwiririkanya na co, ar’icabona cavyo, kand’ivyo biyumvira bifatanya kubarega canke kubaregura (Rom. 2:14-15).

Inyigisho z’Imana zo gukora iciza zanditswe mu mitima y’abantu bose. Kandi, izo nyigisho tuzisanga mw’ijwi ryo mu mutima. Niho handitse ivyagezwe Imana yahaye umuntu wese, kiretse ab’isirayeli, uhereye kuri Adamu ugashitsa kuri Yesu. Umuntu wese yahukanye usanga ijwi ryo mu mutima wiwe rimutera intambara, kand’inzira imwe gusa yo kunesha iryo jwi ryo mu mutima ni kurondera ibishigikira uko kwahukana. Igihe yahukanye atagira imvo imushigikira, ijwi ryo mu mutima wiwe riramutsinda, n’aho yoryiyobagiza.

Mfatiye ku vyo tuzi, kuva ku ruvyaro rwa mbere ugashika k’urwa mirongwibiri n’indwi, kuri Adamu gushitsa igihe Mose yahabwa ivyagezwe vy’Abisirayeli nko mu mwaka wa 1440 Kristo ataravuka, icagezwe c’ijwi ryo mu mutima ni ryo hishurirwa Imana yahaye umuntu wese, n’abisirayeli barimwo, ku vyerekeye kwahukana no gusubira kurongora; Imana yabonako iryo jwi rizobafasha gufata ingingo zibereye. (Wibuke yuko Mose atari we yanditse Itanguriro 2 gushika igihe co kuvayo.) Birumvikana iy’umuntu yiyumviriye yukw’ivyo bihe mirongwibiri n’indwi ivyagezwe vya Mose bitaratangwa, harimwo n’igihe c’umwuzure wo kuri Nowa, amamiriyoni y’ubukwe yahukanye. Kandi birumvikana iyo tuvuze kw’Imana, itigera ihinduka, yamye yitegurira guharira abaguye mur’ico caha co kwahukana iyo bihanye icaha cabo. Turazi kw’abantu bashobora gukizwa, canke guharurwa n’Imana ukugororoka, n’imbere yuko Mose ahabwa ivyagezwe. Aburahamu yaharuwe ukugororoka kubwo kwizera (raba Rom. 4:1-12). Nimba abantu bashobora guharurwa ukugororoka kubwo kwizera kwabo guhera igihe ca Adamu ugashitsa kuri Mose, bisigura yuko barigushobora guharirwa icaha cose, n’ukwahukana kurimwo. Uko tubandanya twinjira mur’iki cigwa co kwahukana no gusubira kurongora, nguma nibabaza nti: mbega abantu baguye mu caha co kwahukana Mose atarahabwa ivyagezwe ariko bagaharirwa ivyaha vyabo n’Imana kuko bemejwe n’ijwi ryo mu mitima yabo (kukw’atavyegezwe vyanditswe vyari ho) har’icaha boharurwako igihe basubiye kurongora? Ico ni ikibazo.

None abaguye mu mporero kuko birukanywe, abirukanywe ata kosha bagize, kubera ubube gito bw’abo bubakanye bo? Mbega ijwi ryo mu mitima yabo rirashobora kubabuza kwubakana n’abandi? Ntavyo nzi. Nk’umugabo ahevye umugore wiwe akabira uwundi, ni igiki cotuma uyo mugore atawe atarongorwa ahandi? Kw’ikosha Atari rwiwe.

Ivyagezwe vya Mose (The Law of Moses)

Gushika ku gitabo ca gatatu muri Bibiliya ni ho tubona ukwahukana n’ugusubira kurongora bivugwa amenya. Ivyagezwe vya Mose vyarabuza abaherezi kurongora abagore bahukanye:

Ntihaze hagire uwabira maraya muri bo, cank’uwumaze kwononekara, kandi ntihagire uwabire uwirukanywe n’umugabo wiwe: kuk’umuherezi ari uwera kuri jewe, Imana yiwe (Lew. 21:7).

Nta hantu na hamwe kiretse mu vyagezwe vya Mose abakuru bo mu b’Isirayeli babuzwa ico kintu kumugaragaro. Ikirengeye vyose, uyu murongo uvuzwe usigura (1) ko harih’abagore bahukanye muri Isirayeli (2) kand’atakibi k’uwutari umuherezi mu b’Isirayeko kurongora umugore yigize kurongorwa. Ico cagezwe cahawe abaherezi gusa n’abagore bahukanye bagomba kurongorwa n’abaherezi. Nta kibi cari, mu vyagezwe vya Mose, ku mugore yahukanye gusubira kurongorwa, igihe atarongowe n’umuherezi. Nta kibi cari ku wundi mugabo, akize kutaba umuherezi, kurongora umugora yahukanye.

Umuherezi mukuru (ikigereranyo c’ubukuru bwa Kristo) yasabwa kubaho ubuzima bwejejwe canke buri hejuru y’abandi baherezi mu ngeso. Ntiyari yemerewe no kurongora umupfakazi. Turasoma iyindi mirongo mu Balewi:

Arik’umupfakazi, cank’uwirukanye, cank’uwumaze kwononekare, canke maraya, ntaz’agire uwo yabira muri bo, atari inkumi yirongoroye yo mu bwoko bwabo (Lew. 21:14).

Mbega uyu murongo werekana yuko car’icaha k’umupfakazi wese mu b’Isirayeli gusubira kurongorwa canke ko car’icaha k’umugabo wese mu b’Isirayeli kurongora umupfakazi? Oya, si vyo na gato. Ahubwo uyu murongo werekana yukw’atacaha kirimwo igihe umupfakazi uwariwe wese arongowe n’umugabo uwariwe wese igihe atari umuherezi mukuru, kandi bisigura yuk’umugabo wese dukuyemw’umuherezi mukuru yari yemerewe kurongora umupfakazi (raba Rom. 7:2-3; 1 Tim.5:14).

Kandi uyu murongo usigura, hamwe n’umurongo twabonye (Lew. 21:7), yuko ata kibi na kimwe cariho igihe umugabo mur’Isirayeli (akire kuba atari umuherezi mukuru) arongoye umugore yahukanye cank’uwumaze kwononekara, “maraya.” Bisigura kandi yuko, igihe c’ivyagezwe vya Mose, ata kibi cariho igihe umugore yahukanye asubiye kurongorwa cank’umugore “yononywe n’ubumaraya”arongowe, igihe atarongowe n’umuherezi mukuru. Imana yari yahaye abasambanyi n’abahukanye irindi bakwe, n’aho atemeranya n’abasambanyi hamwe n’abahukana.

Gusubira Kurongora Bisubira Kubuzwa

(A Second Specific Prohibition Against Remarriage)

Mbega Imana yahaye umugore yahukanye “ibakwe ryo kurongorwa” kangahe? Mbega turashobora kuvuga yukw’Imana yahaye abagore bahukanye ibakwe rimwe gusa igihe c’ivyagezwe vya Mose, ibemerera gusubira kurongwa rimwe gusa? Ryoba incamake ribi cane. Turasoma mu vyagezwe vya Mose yuko,

Umuntu niyarongora umugeni, hanyuma ntamushime, kuko har’igiteye isoni yamubonyeko, amwandikire icete co kuvavanura, akimuhe, amwirukane mu rugo rwiwe. Ni yamara kuva mur’urwo rugo, ahobora kwabirwa n’uwundi. Kand’uwo mugabo wa kabiri ni yamwanka, akamwandikira icete co kuvavanura, akamwirukana mu rugo rwiwe, cank’uwo mugabo wa kabiri yamwabiriye agapfa; umugabo wiwe wa mbere ya mwirukanye ntaz’amugarukane, kuko yamaze kwononekara; kukw’ivya ar’ikizira k’Uhoraho; ntimuze mukwegere icaha igihugu Uhoraho Imana yanyu ibaha kw’ishamvu (Gus. 24:1-4).

Menya yuko mur’iyi mirongo, umugore amaze kwahukana kabiri ni abuzwa (canke rimwe cank’umugore amaze gupfakara rimwe) gusubira kurongorwa n’umugabo wiwe wa mbere. Nta caha kivugwa iyo asubiye kurongorwa ubugira kabiri, kandi amaze kwahukana ubugira kabiri (cank’apfakaye ubugira kabiri), yabujijwe gusa gusubira k’umugabo wiwe wa mbere. Ikigaragara n’uko yaba yemerewe gusubira kurongorwa n’uwundi mugabo (igihe yemeye kumorongora). Iy’ab’ari icaha iyo asubiye kurongorwa, Imana ntiyari kurinda kuvuga aya majambo. Yari kuvuga ati, “uwahukanye wese arabujijwe gusubira kurongora canke kurongorwa.”

Ikirengeye vyose, iy’Imana yemerera uyu mugore kurongorwa ubugira kabiri, maze umugabo yamurongoye acahukana ubwa mbere ntacaha yari kuba afise. Kandi yemerewe gusubira kurongorwa ubugira gatatu, umugabo amurongoye acahukana ubwa kabiri nta caha azoba yakoze (kiretse ar’umugabo wiwe wa mbere). Rero Imana yanka ukwahukana yarakunda abantu bahukanye, kandi yabahe irindi bakwe.

Incamake (A Summary)

Reka mvuge mu ncamake ivyo tumaze kubona vyerekeye ukwahukana: N’ah’Imana yavuze kwidakunda ukwahukana, ntaho yigeze ivuga imbere canke igihe c’Isezerano rya Kera yuko gusubira kurongora ar’icaha, kiretse mu bihe bibiri: (1) umugore amaze kwahukana rimwe canke kabiri cank’umupfakazi gusubira ku mugabo wiwe wa mbere hamwe (2) n’umugore amaze kwahukana adashobora kurongorwa n’umuherezi. Ikindi rero, Imana ntaho yavuze yuko kurongora umugore yahukanye ar’icaha kiretse ku muherezi.

Ibi bihushana n’ivyo Yesu yavuze ku Bantu bahukanye bagomba gusubira kurongora hamwe n’abarongora abantu bahakunye. Yesu yavuze kw’abo Bantu ar’abasambanyi (raba Mat. 5:32). Rero bisigura yuko dutahuye nabi Mose canke Yesu, cank’Imana yarahunduye ivyagezwe vyiwe. Niyumvira yuko twoba tudatahura neza ivyo Yesu yavuze; kuko ntivyumvikana kw’Imana ishobora kwiyadukiza kwita icaha ibintu vyari bimenyerewe kw’atar’icaha imyaka igihumbi n’amajana tanu mu vyagezwe yahaye Abisirayeli.

Imbere yo kwinjira neza mur’aya majambo asa n’ayahushana, reko mvuge yukw’uruhusha Imana yatanze rwo gusubira kurongorwa mw’isezerano rya Kera ntirwaraba icatumye umuntu yahukana cank’amakosha afise ingene angana igihe yahukana. Imana ntiyigeze ivuga yuko har’abantu runaka bahukanye ariko badashobora gusubira kurongorwa kubera yukw’imvo zatumye yahukana atari canke zidakwiye. Ntiyavuze yuko har’abantu runaka bemerewe gusubira kurongorwa kubera yuko ukwahukana kwabo kwemewe n’amategeko. Arikw’ivyo bigirwa n’abakozi bo mur’iki gihe mu kwisunga intahe z’umuntu umwe. Akarorero, umugore yahukanye agerageza kwemeza umwungere wiwe yukw’akwiriye kumwemerera gusubira kurongorwa kuko we ata kosha afise ryotumye umugabo wiwe umwirukana—ngo siwe yanse umugabo. Arik’uyo mwungere yokwumviriza umugabo w’uyo mugore, yoca aba ku ruhande rw’umugabo birashobora k’umugore yari inyamaswa n’umunyamahane.

Ndazi umugore n’umugabo baba mu buzima bwo gusotorana kugira ng’umwe ateshwe yemere kwahukana kukw’ata n’umwe muri bo ashaka kwagirizwa ko ari we yirukanye uwundi. Umwe wese ashaka yukw’inyuma yo kwahukana ashobora kuvuga ko bitamuvuyeko, uwo bubakanye ni we yamwirukanye canke yijanye, kugira ngw’ashobore kwemererwa gusubira kurongora. Turashobora kubesha abantu, ariko ntidushobora guhenda Imana. Akarorero, Imana ibona gute umugore yima umugabo wiwe, n’ah’ijambo ry’Imana ribibuza, agaca asaba kwahukana kuko umugabo wiwe asifaye arenga ibigo? Mbega uyo mugore nta caha kimufata, ntari mu vyatumwe uko kwahukana?

Wa muntu yahukanye kabiri twabona mu Gusubira mu Vyagezwe 24 amategeko ntashigikiye uko kwahukana kwiwe. Umugabo wiwe wa mbere yamubonyeko “igiteye isoni”. Namba ico “giteye isoni” ar’ubusambanyi, yategerezwa kwicwa nkukw’ivyagezwe vya Mose, bitegeka ko yicishwa amabuye (raba Lew. 20:10). Rero, namba ubusambanyi ari yo mvo yemewe yo kwahukana, umugabo wiwe wa mbere nta gituma co kumwirukana yar’afise. Mu rundi ruhande, wa mugore arashobora kuba yarasambanye, ariko we, kukw’ar’umugororotsi nka Yosefu, “agahitamwo kumubengera mu mpisho” (Mat. 1:19). Har’ibintu vyinshi cane dushobora kuvuga ngaha.

Umugabo wiwe wa kabiti arashobora “kumwirukana.” Ubugira kandi, ntituzi uwufise amakosha canke ko bayasangiye. Uko bimeze kwose nta gihinduka. Ubuntu bw’Imana bwarabemerera gusubira kurongorwa n’umuntu wese ashaka kurongora umugore yahukanye kabiri, ariko ntabe wa mugabo wiwe wa mbere gusa.

Impari (An Objection)

“Nk’ubwira abantuko bemewe kwahukana ku mvo iyari yo yose, barashobora kwahukanishwa n’akantu ubusa kugira ngo basubire kurongora,” nk’uko dukunda kubibona. Niyumvira ko hari abanyedini batitaho kunezereza Imana ariko babuza abantu kwahukana. N’aho ari igikorwa ciza, ni ukwiruhiriza ubusa. Abantu bumvira Imana mu mitima yabo, ahubwo, ntibarondera akaryo ko gucumura. Bifuza kunezereza Imana gusa, kand’abantu nk’abo ni bo bagira ingo ziramye. Ikirengeye vyose, Imana ntiyakurikirana abantu cane igihe bahukana mw’isezerano rya Kera n’aho ari ku mvo zitemewe, kuko yahaye Isirayeli icagezwe gituma barongora ubugira kandi.

Mbega turashobora kureka kubwira abantu yukw’Imana yiteguye guharira icaha cose, kugira ngo ntibace bacumura kuko bazi ko baca bagirirwa imbabazi? Bisanzwe, tuzoca tureka kuvuga ubutumwa bwiza. Vyongeye, bisubira ku kugene umutima w’umuntu umeze. Abakunda Imana ntibabazwa no kuyumvira. Ndazi neza cane kw’imbabazi z’Imana ziriho igihe cose ndazisavye, hatarinze kurabwa ubwoko bw’icaha nakoze. Arikw’ivyo ntibituma ngira umwete wo gucumura, kuko nkunda Imana kandi navutse ubwa kabiri. Nahinduwe n’ubuntu bw’Imana. Nifuza guhimbaza Imana gusa.

Imana irazi yukw’idakenye kwongera ingaruka mbi y’icaha co kwahukana kugira ngw’abantu bace batinya kwahukana. Kubwira abantu bafise ingo zidahagaze neza yukw’atari vyiza kwahukana kuko batemerewe gusubira kurongora ntibituma bifuza kuguma bubatse. N’ah’akwizera, ahitamwo kwahukana hakw’aguma mu muriro udashira wo mu rugo rwiwe kwahukana bimubera nko kuja mw’ijuru.

Paulo Kuvyo Gusubira Kurongora (Paul on Remarriage)

Tutaratangura kurondera isano riri hagati y’amajambo ya Yesu na Mose ku vyerekeye gusubira kurongora, dukwiriye kumenya yuko har’uwundi yanditse muri Bibiliya yemeranya na Mose, yitwa intumwa Paulo. Paulo yanditse yuko gusubira kurongora kw’abantu bamaze kwahukana atar’icaha, mu kwemeranya n’ivyanditswe mw’Isezerano rya Kera:

Ku vy’inkumi, simfise icagezwe n’Umwami wacu; ariko ndababwira ivyo niyumvira, nk’umuntu yagiriwe ikigongwe n’Umwami, ngo mbe umwizigirwa. Nuko ndiyumvira yuko ari vyiza kubw’igihe kigoye ca none, yukw’ari vyiza k’umuntu aguma ukw’ari. Wahambiriwe ku mugore? Nturondere kubohorwa. Wabohowe ku mugore? Nturondere umugore. Arikw’iyo urongoye, nta caha uba ukoze, n’inkumi iyo irongowe nta caha iba ikoze, ariko abameze bartyo bazogira amagorwa mu mubiri, ariko jewe nagomba kuyabakingira (1 Kor. 7:25-28, hongeweko insobanuro).

Nta nkeka Paulo yarikw’abwira abantu bahukanye mur’iki gice. Yarahanuye abubatse, abatarubaka, n’abahakunya kuguma uko bari ati ni kubera amagorwa y’abakristo mur’ico gihe. Hamwe n’ivyo, Paulo yasiguye neza kw’abamaze kwahukana, inkumi barongoye canke barongowe nta caha baba bakoze.

Menya ko Paulo atadomye urutoke ku caha co gusubira kurongora. Ntiyavuze yuko gusubira kurongora vyemewe igihe uwahukanye atacaha camwagira igihe yahukana. (mbega ni nde ashobora kumenya ivyo atar’Imana ubwayo). Ntiyavuze yuko abemerewe gusubira kurongora ari bamwe bahukana batarakizwa gusa. Oya, yavuze neza ko gusubira kurongora atar’icaha ku bantu bamaze kwahukana.

Mbega Paulo Arashigikiye Ukwahukana (Was Paul Soft on Divorce?)

Kubera yuko Paulo yashigikiye igikorwa c’ubuntu ku bahukanye, ntibisigura yukw’ashigikiye kwahukana? Oya, Paulo yararwanya kwahukana muri rusangi. Mur’ico gice nyene co mu cete ca ciwe ca mbere yandikiye ab’i Korinto, yashizeh’icagezwe gihuriza hamwe n’ingene Imana yanka kwahukana:

Abamaze kurongorana, ndababwira, ariko si jewe, n’Umwami wacu, umugore yoye kuvana n’umugabo wiwe; arikw’aramutse avanye na we, abe igisubiramuhira, canke yisubize hamwe n’umugabo wiwe. Kand’umugabo yote guta umugore wiwe. Arikw’abandi ni jewe mbabwira, s’Umwami wacu. Mwene Data asanzwe afise umugore atizera, kand’uwo mugore agakunda kubana na we, yoye kumuta. Kand’umugore afise umugabo atizera, na we agakunda kubana na we, yoye kuvana n’umugabo wiwe. Kuk’umugabo atizera yezwa kubw’umugore wiwe, kand’umugore atizera yezwa kubwa mwene Data uyo. Iyo bitamera birtyo, abana banyu baba ar’ibuhame, ariko noneho n’abera. Arik’utizera namba agomba kwahukana, ni yahukane. Mwene Data w’umugabo canke w’umugore ntahambirwa, iyo bimeze birtyo. Imana yaduhamagariye amahoro. Yewe mugore, ubwirwa n’iki yuk’uzokiza umugabo wawe? Yewe mugabo, ubwirwa n’iki y’ukuzokiza umugore wawe? Ariko gusa uk’Umwami wacu yagabiye umuntu wese, kand’ukw’Imana yamuhamagaye, abe ari kw’amera. Ni ko ngera mu mashengero yose (1 Kor. 7:10-17).

Menya yuk’ubwa mbere Paulo yabwira abizera bubakanye n’abizera. Abo ntibashobora kwahukana, kanatsinda, na Paulo aravuga yukw’atari we abagera, ariko ni Umwami. Kand’ivyo bihuriza hamwe n’ivyo tumaze kubona vyose.

Raba rero aho bigumiye. Paulo yar’azi yukw’abizera na bo bishobora gushika bakahukana. Igihe bishitse, Paulo avuga yuk’umuntu yirukanywe canke yirukanye uwundi ategerezwa adashobora kurongora canke kurongorwa ahubwo arashobora kwisubiza k’uwo bari bubakanye. (n’aho abibwira abagore ndizera yuko n’abagabo barimwo.)

N’ubu, ivyo Paulo yanditse ntibishobora kudutangaza. Yabanje gushiraho icagewe c’Imana ku vyerekeye ukwahukana, arikw’arazi yukw’icagezwe c’Imana gishobora kugararizwa. Rero igihe icaha co kwahukana gishitse hagati y’abizera babiri, aratanga izindi mpanuro. Umuntu yirukanye uwundi ategerezwa kuguma uko nta rongore canke arongorwe ahubwo yemerewe kwisubiza ku mutambukanyi wiwe. Iki ni co coba ciza cane igihe abizera bahukanye. Igihe bose bagumye gurtyo har’iho ivyizigiro ko bashobora gusubirana. Kandi, igihe umwe arongoye cank’arongowe, ivyizigiro vyo gusubirana biba birangiye (kandi, iy’aba ar’icaha gidashobora guharirwe, nta mvo yotumye Paulo avuga yuko bategerezwa kuguma gurtyo canke bagasubirana.)

Waruzi ko Paulo yamenye yuko n’iyo nzira ya kabiri idashobora kwama yubahwa imisi yose? Niko niyumvira. Ngira ntayabandanije kuvuga ibindi kuko yizera yukw’abakijijwe bashobora guharirana bagasubirana nkukw’abigisha kur’iyo nzira ya mbere, vyanse na ho ni ho bogira iyo nzira ya kabiri. Nta nkeka abakurikira Kristo b’ukuri, iyo bagize ingorane mu rugo, bokora ico bashobora vyose bazigame urugo rwabo. Kandi uwizera, amaze kugerageza kuzigama urugo rwiwe, yumva ata kundi yogira atar’ukwahukana, uyo mukristo kubera isoni bimutera hamwe n’icifuzo co guhimbaza Kristo ntashobora kwiyumvira gusubira kurongora, kandi yo kwama yizera yuko asubirana n’umutambukanyi wiwe igihe bigishoboka. Bisa n’ahw’ingorane nya mukuru mw’ishengero ku vyerekeye kwahukana ari kubera yukw’ishengero rifise igitigiri kinini c’abizera b’ibinyoma, abantu batigeze bizera canke ngo bumvire Umwami Yesu.

Dufatiye kuvyo Paulo yanditse muri 1 Ab’i Korinto 7 tubona kw’Imana yiteze ibintu binini ku bayizera, abantu Mpwemu Yera yagerereyemwo, kuruta ivyo yiteze ku batizera Paulo yanditse, na we nyene, kw’abizera batokwahukana igihe abo bubakanye batizera kandi bagomba kubanya babana. Ubugira kandi, n’iyi mpanuro yiwe ntidutangaje, kuko bihuriza hamwe n’ivyo tumaze kubona mu bindi vyanditswe. Imana iranka kwahukana. Hamwe n’ivyo, Paulo aragera ahw’avuga, yukw’abatizera batumvira Imana basavye kwahukana, uwizera ategerezwa kubemerera. Paulo arazi neza kw’abatizera batumvira Imana, kandi abatizera ntibashobora gukora nk’abizera. Reka nongereko mvuga nti igihe uwutizera ashimye kugumana n’uwizera aba yerekanye y’uko yemera ubutumwa bwiza, canke k’uwizera babana atar’uwizera koko ahubwo n’umukristo wo kuri telefone.

Ubu rero ni nde yovuga k’uwizera yahukanye n’uwutizera adashobora gusubira kurongora? Paulo ntiyigeze avuga ikintu nk’ico, nk’uko yavuze ku bizera babiri bahukanye. Twari guca twibaza imvo yotuma Imana yanka k’uwizera yahukanye n’uwutizera adasobora kurongora canke kurongorwa. Mbega har’iciza vyozana? Arik’urwo ruhusha rumeze nk’uruhushanye n’ivyo Yesu yavuze vyerekeye gusubira kurongora canke kurongwa: “uwurongora umugore yahukanye aba asambanye” (Mat. 5:32). Iki rero, gitumye ngira amatsiko ku nsobanuro twahaye amajambo Yesy yavuze.

Ingorane (The Problem)

Yesu, Mose na Paulo bahuriza hamwe kuvuga yuko kwahukana ari icaha c’umuntu umwe canke bompi. Bose ntibashigikiye kwahukana muri rusangi. Arikw’ingorane mbone ngiyi: twokurahe isano riri hagati y’ivyo Paulo na Mose bavuze ku vyerekeye gusubira kurongora canke kurongorwa? Nta nkeka bategerezwa guhuriza hamwe kuko bompi bahumekewe n’Imana ngo bavuge ivyo bavuze.

Reka dusuzume neza ivyo Yesu yavuze turabe n’abo yabwira. Kabiri kose mu njili ya Matayo tubona Yesu avuga ku vyo kwahukana no gusubira kurongorana, rimwe mu nsiguro yiwe yo ku musozi na rindi rimwe igihe yabazwa n’Abafarisayo. Reko duhere ku kiyago ca Yesu n’Abafarisayo:

Abafarisayo baza kuri we bamugeza, baramubaza, “bati Mbega biremerwa k’umuntu yirukana umugore kubw’inyanduruko y’ikintu cose?” Na we arabishura, “ati Ntaho murasoma yuk’uhereye mbere na mbere Rurema yabaremwe bar’ubwoko bubiri, ‘ikavuga, iti Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata, bompi bakaba umubiri umwe? Bituma batakiri babiri, ariko baba babaye umubiri umwe, nukw’ico Imana yamatanije, umuntu ntaze akimature.” Baramuba, “bati None se, n’iki catumye Mose agera ko bamuha icete co kuvavanura, aka mwirukana?” Arabishura, “ati Mose yabarekuye kwirukana abagore banyu kukw’imitima yanyu ikomantaye. Ariko uhereye ubwa mbere hose ntivyari bimeze gurtyo. Ariko ndababwire: umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, akabira uwundi, aba asambanye; kand’uwubira uwahukanye aba asambanye” (Mat. 19:3-9).

Mu kugeza Yesu, Abafarisayo bavuze igice c’ivyagezwe vya Mose nk’uko nigeze kuvyerekana, Gusubira mu vyagezwe 24:1-4. Havuga ngo, “Umuntu ni yarongora umugeni, hanyuma ntamushime, kuko har’igiteye soni yamubonyeko namwandikire icete co kuvavanura, akimuhe, amwirukane mu rugo rwiwe…” (Gus. 24:1, dushimikiye ku nsobanuro).

Mu gihe ca Yesu, harihw’imipfunda ibiri y’ivyiyumviro bitandukanye bisobanura “igiteye isoni.” Nk’imbere yaho imyaka mirongwibiri, umwigisha yitwa Hillel yigisha kw’igiteye isoni ari i0ngorane zidashobora gutorerwa umuti. Igihe Yesu yagiranira ikiyago n’Abafarisayo, insobanuro ya “Hillel” yarimaze gushinga imizi, gushika igihe ukwahukana vyemerwa no ku kantu gatoya kabaye hagati y’umugore n’umugabo, ikibazo c’Abafarisayo kiravyerekana aho bavuga kahikuna birashoboka ku nyanduriko y’”ikintu cose”. Har’uwashobora kwirukana umugore wiwe kuko yazigije ivyo kurya, ko yashize umunyu mwinshi mu ndya, ne could divorce his wife if she burned his dinner, put too much salt on his food, kuko amavi yiwe yapfukurutse mu Bantu, kukw’imishatsi yiwe yakoze hasi, kuko yavugishije uwundi mugabo, ko yavuze nabi inabukwe, cank’atagira ivyara. Umugabo yari yemerewe kwirukana umugore wiwe kuko yabonye uwundi amuruta akaranga, ico kigahinduka “igiteye isoni.”

Uwundi mwigisha, Shammai, yabayeh’imbere ya Hillel, yigisha yukw’”igiteye isoni” car’igihumanya, nk’ubusambanyi. Nkuko ushobora kuvyiyumvira, mu Bafarisayo bo mu gihe ca Yesu, insobanuro ya Hillel ni yo yakundwa cane kuruta iya Shammai. Abafarisayo babaho bigisha k’ukwahukana vyemewe kubw’inyanduruko y’ikintu cose, ni ho kwahukana vyari bigwiriranye. Abafarisayo, mu buryarya bwabo, bashimikira ku guha umugore wawe icete co kuvavanura igihe umwirukanye kugira ngo “ntusenyure ivyagezwe vya Mose.”

Ntitwibagire ko Yesu yarikw’Abwira Abafarisayo

(Don’t Forget that Jesus’ was Speaking to Pharisees)

Ko dufise uku gutahura muri twebwe, turashobora gutahura neza ico Yesu yarwanya. Imbere yiwe har’umurwi w’indyarya ugizwe n’abigisha b’abanyedeni, benshi muri bo, namba atari bose, bari bamaze kwahukana rimwe canke kenshi, kandi kenshi ari kubera babonye abarusha ubwiza ubo bari bubakanye. (Ndiyumvira yukw’atari igihamana nsiguro yo ku musozi ikurikirana n’amajambo yokwirinda kwifuza kubi, n’iyindi nzira y’ubusambanyi.) Ariko baritsindanishiriza, bavuga ko bubashe ivyagezwe vya Mose.

Ikibazo cabo gihishura imitima yabo. Barizera koko k’umuntu ashobora kwirukana umugore wiwe ku nyanduruko y’ikintu cose. Yesu yaraseruye umugaga uri mu gutahura kwabo intumbero y’Imana ku ngo mu kuvuga amajambo ya Mose ku vyo kwabirana mw’Itanguriro igice ni 2. Imana ntiyigeze itegura ko haba ukwahukana, canke ukwahuka ku bw’inyanduruko y’”ikintu cose,” arikw’abarongozi b’ab’Isirayeli birukana abagore babo nkukw’imiyabaga isambura “ukwigumya” kwabo!

Ndiyumvira yukw’Abafarisayo bari bamaze kumenye uruhande rwa Yesu mu vyo kwahukana, nkuko yabivugira ku mugaragaro, nabo baza n’uburyarya bwabo ngo: “N’iki catumye Mose agera ko bamuha icete co kuvavanura, akamwirukana?” (Mat. 19:7).

N’iki kibazo cerekana ikibi kiri mu mitima yabo. Bavuze mu buryo ushobora kwiyumvira ko Mose yategetse abagabo kwirukana abagore babo igihe bababonyeko “igiteye isoni,” no gutanga icete co kuvavanura cemewe, ariko nkuko twabonye igihe twasoma Gusubira mu vyagezwe 24:1-4, yukw’atari yo ntumbero ya Mose na gato, yarikw’atunganya ingo mu kubuza k’umugore asubira ku mugabo wiwe wa mbere.

Kubera ko Mose yavuze k’ukwahukana, baciye bafata yuko vyemewe ku mvo runaka. Ariko raba ingene irivuga Yesu akoresha mu kwishura, yabarekuriye, ritandukanye n’iry’Abafarisayo bakoresheje mu kubaza: agera. Mose yarabarekuriye kwahukana; ariko ntiyabageze kwahukana. Igituma Mose yarabarekuriye kwahukana kw’ari ugukomantara kw’imitima yab’Isirayeli. Bisigura yukw’Imana yabarekuriye kwahukana kukw’imitima yabo y’ivyaha ariho yabajana. Yamenye kw’abantu batazoba abizigirwa kubo bubakanye bagakora ibihumanya. Yar’azi kw’imitima y’abantu izokomereka. Rero arekura kw’abantu bahukana. Si vyo yari yateguye guhera mbere, arikw’icaha ni co cabitumye.

Igikurikira, Yesu aha Abafarisayo icagezwe c’Imana, mbere no gusobanura ico Mose yise “igiteye isone” ni : “Umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, akabira uwundi, aba asambanye; kandi uwabira uwahukanye aba asambanye” (Mat. 19:9, hongeweko insobanuro). Mu nyonga z’Imana, ubusambanyi ni co kintu kimwe gusa cotuma umugabo yirukana umugore wiwe, kandi ndashobora kubitahura. Ni giki cotuma umugore canke umugabo ababaza akomeretsa uwo bubakanye? Igihe asambanye, aba arungikiye ubutumwa bubi uwo bubakanye mbere n’abandi babibonye canke bavyumvise. Yesu ntiyavuze ku busambanyi gusa igihe yakoresha ijambo “igihumanya.” Gusomagura no gukuyakuya umugabo cank’umugore atari rwawe n’icaha gihumanya, nko kwirigwa uraba amasinema y’ubusambanyi, n’ibindi bihumanya. Menya ko Yesu yagereranije ukwifuza no gusambana mu nsiguro yiwe yo ku musozi.

Ntitwibagire abo Yesu yarikw’arabwira—Abafarisayo birukana abagore babo kubw’imvo y’ikintu cose bagaca bihutira kurongora, kand’aho, bavuga kw’Imana nyabujije gusambana kugira ngw’abantu ntibarenge ibwirizwa ry’indwi. Yesu yababwiye yuko bariko baribesha. Ivyo bakora ntaho bitandukaniye n’ubusambanyi, kand’ivyo birumvikana cane. Umuntu wese w’imvuga kuri arashobora gutahura yuk’umuntu yahukanye kugira ngw’arongore cank’arongorwe aba arikw’akora ivy’abasambanyi bakora, arikw’akahishisha ivyagezwe n’imirongo yiyumvira kw’imuvugira.

Umuti (The Solution)

Uru nirwo rufunguzo ruhuriza hamwe inyigisho za Yesu, iza Mose na Paulo. Yesu yarikw’agaragaza uburyarya bw’Abafarisayo. Ntiyarikw’ashira ho icagezwe kibuza gusubira kurongorana. Ahandi ho, yarikuba anyuranije n’ivyo Mose na Paulo bigishije no kuzazanisha amamiriyoni y’abahukanye n’abusubiriye kurongorana. Namba Yesu yarikw’ashira ho icagezwe ku vyo gusubira kurongorana, none twobwira iki abamaze kwahuka no gusubira kurongara canke kurongorwa? Tubabwire ko baba mu busambanyi, kandi tuzi ko Bibiliya ivuga yukw’ata musambanyi azoragwa ubwami bw’Imana (raba 1Kor. 6:9-10), tubabwire basubire kwahukana? Mbega Imana ntiyanka ukwahukana?

Tubabuze gusubira kurangura amabanga y’abubatse n’abo bubakanya gushika aho abo batanguye kwubakana bapfuye kuko bazoba bariko barasambana? Mbega Paulo ntiyabujije abubatse ko bimana? Mbega ivyo ntivyotuma bageregezwa bagahava basambana canke bakorondera ingene bokwica bamwe bubakana ubwa mbere kugira ngo bibohore?

Mbega tubabwire bahukana basubire kuri bamwe batangura kwubakana (nkuko bamwe babivuga), ivyo birabujijwe mu vyagezwe vya Mose mu Gusubira mu vyagezwe 24:1-4?

Mbega abahukanye n’ubu batararongora canke kurongorwa? Namba barekuriwe gusubira kurongora canke kurongorwa gushika igihe abo bubakana basambanye, ni nde azomenya ko ubusambanyi bwahabaye? Kugira ng’umuntu asubire kurongora canke kurongorwa, mbega har’abantu bazokenerwa baze gushinga intahe kw’abo bubakanye bihumanije, mu gihe abandi bazoza kwemeza yukw’abo bubakanye basambanye?

Nkuko nigeze kubaza, umuntu yasambanye kuk’uwo bubakanye yamwimye duca tumushira hehe? Wumva uwimanye ari we yokwemererwa kurongora canke kurongorwa maze uwasambanye ntiyemerwe kurongora canke kurongorwa?

Umuntu yasambanye atara rongora canke kurongorwa? Ubwo busambanyi ntibwerekana kw’atar’umwizigirwa ku mutambukanyi wiwe bagiye kuzobana? Mbega ico caha ntikingana n’ubusambanyi igihe uwo basambanye yari yubatse? Ni kuki uyo muntu yemerewe kwubaka urwiwe?

Ni gute iy’abantu babiri babanye, bitazwi n’amategeko, bagaca “bavana.” Ni kuki bemerewe kurongora canke kurongorwa kandi bahukanye, ni kubera yuko batanditswe mu mategeko? Batandukaniye hehe n’abahukana bagaca barongora canke barongorwa?

Rya jambo rivuga kw’”ivya kera vyose biba bishize” “vyose biba bibaye bisha” igihe umuntu abaye umukristo (raba 2 Kor. 5:17)? Vyoba bivuga ku bwoko bwose bw’icaha kiretse icaha co kwahukana?

Ibi bibazo n’ibindi vyose

[1]

bishobora kubazwa ni yo mpamvu yo kwiyumvira ko Yesu atariko ashira ho icagezwe gishasha kijanye no gusubira kurongora canke kurongorwa. Kandi Yesu yar’azi ingene ico cagezwe gishasha co shurika amashami azana kuzazanizwa. Ivyo birakwiye kutwemeza yuko yarikw’ashira ahabona uburyarya bw’Abafarisayo—bifuza, b’abanyedini, indyarya birukana abagore babo ku “kintu cose” bakihutira kurongora abandi bagore.

Nta nkeka ni yo mvo yatumwe Yesu abita “abasambanyi” mu gishingo co kuvuga kw’ivyo bakora ari bibi kuko yagomba ko babona yuko kwahukana ku bw’inyanduruko y’ikintu cose no guca barongoka ubugira kandi ataho batandukaniye no gusambana, naho bavuga ko badasambana. Mbega twovuga yuko Yesu yarazwa ishinga n’ubusambanyi bagira igihe basubiye kurongora, kandi yari kwemera gusubira kurongorana igihe bemeye ko batagiye kurangura amabanga y’abubatse? Oya namba. Rero reka tureke kumuvugisha ivy’atavuze.

Ukugereranya Kwiza (A Thoughtful Comparison)

Reka twiyumvire abantu babiri. Umwe arubatse, umunyedini, avuga kw’akunda Imana n’umutima wiwe, agaca atangura kwifuza umukobwa w’umubanyi wiwe. Vuba cane aciye yirukana umugore wiwe no kwihutira kurongora wa mukobwa wo kwifuza kwiwe.

Uwundi mugabo nta dini agira. Nta butumwa arumva kandi yiberaho mu caha, ubwo buzima nibwo bwatumwe yahukana. Haheze imyaka mikiya, aracibana wenye, ng’uyo arumvise ubutumwa bwiza, arihanye, no gutangura gukurikira Yesu n’umutima wiwe wose. Inyuma y’imwaka itatu akunze umugore akijijwe yasanze mw’ishengero. Bose barahanuje Imana n’abagenzi, hanyuma y’ivyo bafashe ingingo yokwubakana. Barubakanye, kandi barashigikirana mu gukorera Imana mu bwizigirwa kugeza ku rupfu.

Rero, reka dufateko bompi bacumuye kuko barongoye, ni nde mur’abo afise icaha kinini? Nta nkeka, ni wa mugabo wa mbere.

None uwa kabiri wewe ni gute? Ubona asa n’uwacumuye? Wumva vyovugwa kw’ataho atandukaniye n’abasambanyi, nka wa mugabo wa mbere? Siko niyumvira. Mbega twomubwira ivyo Yesu yavuze ku bantu bahukana bagasubira kurongora, tukamubwira yukw’abanye n’umugore Imana itamuhaye, kukw’Imana imuharurako wa mugore wa mbere? Wumva twomubwira yukw’ari mu busambanyi?

Inyishu ziragaragara. Ubusambanyi bugirwa n’abubatse bifuza abo batubakanye bo. Rero kwirukana uwomwubakanye kuko washimye uwundi ni co kimwe no gusambana. Arik’umuntu adakijijwe ntashobora gusambana kukw’ata mutambukanyi afise ngw’amubere umwizigirwa. Tumaze gutahura ico Yesu avuga muri Bibiliya, ntidushobora kuvuga amajambo atagira urufatiro dusange turiko turwanya ico Bibiliya yigisha.

Ni ho rere, igihe abigishwa bumva inyishu Yesu ahaye Abafarisayo, baciye bavuga bati, “Ivy’umugabo n’umugore asangwa bimeze birtyo, noneho kurongora n’ikigoye” (Mat. 19:10). Menya ko bari bakuriye mu nyigisho n’ububasha bw’Abafarisayo, no mu mizo yaganzwa cane n’Abafarisayo. Ntibari bazi kw’ingo zashiriwe kwamaho. Kanatsinda, gushika iminota mikeya imbere y’aho, na bo barashobora kuba bizera yuk’umugabo ashobra kwiruka umugore wiwe ku nyanduruko y’inkintu cose. Bihutiye kuvuga ko vyoba vyiza batarongoye, hagushira ubugingo bwabo mu busambanyi.

Yesu arabishura,

Si bose bashobora kwemera iryo jambo, atar’ababihawe. Kuko har’inkone zavutse gurtyo uhereye mu nda za banyina, kandi har’inkone zakonwe n’abantu, kandi har’inkone zikona ubwazo kubw’ubwami bwo mw’ijuru. Uwushobora kuvyemera n’avyemere (Mat. 19:11-12).

Bisigura yuko, kumenya kwiyubara no kunesha ibigukwegera mu buhumbu ni vyo biranga ingesoo yawe. Paulo na we nyene yavuze ati, “Kwabirana ni kwiza kuruta gushuha” (1 Kor. 7:9). Abavutse ari nkone cank’abagizwe inkone n’abantu (nk’uko vyagirwa n’abantu bakeneye ababazigamira abagore cank’incoreke) kugirango ntibagire icifuzo co kurangura amabanga y’abubatse. Abikona ubwabo “babigira kubw’ubwami bwo mw’ijuru” ni bamwe bahawe n’Imana ingabire yo kwigumya, ari na co gituma “atari abantu bose bashobora kwakira iryo jambo, atari ababihawe gusa” (Mat. 19:11).

Ubutumwa bwo ku Musozi (The Sermon on the Mount)

Dutegerezwa kugumya mu bwenge abantu Yesu yarikw’arabwira igihe yagira iyo nsiguro yo ku musozi. Bari abantu babaye ubuzima bwabo bwose mu buryarya bw’Abafarisayo, abategetsi n’abigisha muri Isirayeli. Nkuko twavyize mu cigwa cacu ca mbere c’ubu butumwa bwo ku musozi, biragaragara ko vyinshi mu vyo Yesu yavuze ataho vyatandukanira n’amajambo yo gukosora inyigisho z’ibinyoma z’abanyabwenge b’ivyanditswe n’abafarisayo (raba Mat. 5:20), ari na bwo buryo bwo kubwira abanyabwenge b’anyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo ko bazoja i kuzimu. Ku mpera y’insiguro yiwe, abantu baratangaye, kuko Yesu atigisha nk’”abanyabwenge b’ivyanditswe” (raba Mat. 7:29).

Agitangura insiguro yiwe, Yesu yerekanye uburyarya bw’abiyita ko batigera basambana, ariko bifuza no kwirukana abagore babo bakihutira kurongora abandi. Yagura insobanuro y’ugusambana yerekana kw’ari gikorwa c’icaha ushobora kugira ku mubiri w’uwo mutubakanye. Ivyo yavuga vyaragaragara ku muntu w’imvuga kuri ashobora kwiyumvira gataya ku vy’avuze. Menya yuko gushika ku butumwa bwa Yesu, abantu besnhi biyumvira yuko vyemewe kwirukana umugore wawe kubw’inyanduruko y’”ikintu cose.” Yesu yashaka kw’abigishwa biwe n’abandi bose bamenya kw’intumbero y’Imana kuva kw’itanguriro ari kugura ingeso nziza.

Mwarumvise ko vyavuzwe ngo “Ntugasambane.” Ariko jeho ndababwira yuk’umuntu wese araba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe. Ijisho ryawe ry’i buryo ni ryagutsitaza, urinogore, urite kure: vyokubera vyiza gupfa ijisho ryawe rimwe, hak’umubiri wawe wose wotabwa muri Gehinomu. N’ukuboko kwawe kw’iburyo ni kwagutsitaza, uguce igikonjo, ugite gure: vyokubera vyiza gupfa urugingo rwawe rumwe, hak’umubiri wawe wose woja muri Gehinomu. Kandi vyaravuzwe, ‘ng’umuntu wese yirukana umugore wiwe n’amuhe icete co kuvavanura. Ariko jeho ndababwira yuk’umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, aba amusambanishije: kand’uwabira uwahukanye azoba asambanye (Mat. 5:27-32).

Ubwa mbere, uramenya kw’amajambo ya Yesu ku vyerekeye kwahukana no gusubira kurongora ntakurikira gusa ivyo yavuze k’ukwifuza, ahubwo arabigereranya, Yesu vyompi avyise ubusambanyi, abiha insiguro nini cane. Rero turabona intumbero yiwe nkuk’igenda isubirwamwo mu majambo yiwe yose. Yesu yagomba kw’abamukurikira batahura ico ari co kwitondera ibwirizwa ry’indwi. Bisigura kwirinda ibihumanya no kwahukana hamwe no gusubira kurongora.

Umuntu wese wo mubumviriza Yesu ico gihe yaramaze kwumva ibwirizwa ry’indwi risomwa mu masinagogi (nta muntu n’umwe yatunga Bibiliya), barumviriza ingene risobanurwa no kwitegereza ubuzima bw’abigisha babo, abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo. Yesu yongere kuvuga ati, “jeho ndababwi,” ntibisigura ko yarikw’ashira amabwirizwa mashasha. Yarikw’arahishura gusa intumbero y’Imana ya mbere.

Rero, kwifuza vyarabuzwa n’ibwirizwa rya cumi, umuntu wese aryibutse yaratahura yukw’ari caha kwifuza ivyo Imana irwanya.

Igikurikira, uhereye kubice vya mbere vy’Itanguriro, Imana yarasobanuye yuk’ubukwe butegerezwa kuramba gushika urupfu rubatandukanije. Ikirengeye vyose, umuntu wese avyiyumviriye ko yashobora guca abona yuko kwahuka no gusubira kurongorana ari nko gusambana, cane cane igihe hagize uwahukana kugira ngw’asubire kurongora.

Ubugira kandi mur’iyi nsiguro, biragaragara ko Yesu yarikw’afasha abantu kubona ukuri ku vyerekeye kwahukana kubw’inyanduruko y’ikintu cose no gusubira kurongora. Ntiyarikw’ashiraho icagezwe gishasha co gusubira kurongora kandi ata handi cari cemewe “mu bitabo.”

Biratangaje kubona kw’ata bantu na bakeya mw’ishengero bigera bitondera amabwirizwa ya Yesu yo kwinogora ijisho no guca ibikonjo nkuko vyanditswe nyene, kuko bishobora gutuma batifuza gusambana. Ariko abenshi bakagomba gusobanura inyuguti ku yindi amajambo Yesu yavuze kuvyerekeye icaha co gusubira kurongora, n’aho ivyo basobanura birwanya ivyo ivyanditswe bisigaye bivuga. Intumbero ya Yesu kwar’ukubwira ukuri abamwumviriza, hamwe n’ivyizigiro vyo kugabanya igitigiri c’abahukana. Abamukurikira bafashe nka nkama ivyo yavuze ku kwifuza, ukwahukana nta kibanza kwoba gufise, kandi nta wosubira kwahukana, abubatse bakabaho nkukw’Imana yari yarabiteguye kuva kera.

Ni Gute Umugabo Atuma Umugore Wiwe Asambana?

(How Does a Man Make His Wife Commit Adultery?)

Menya ko Yesu yavuze ati, “Umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, aba amusambanishije.” No ngaha turizera yukw’atarikw’atanga ibwirizw rishasha ryo gusubira kurongora, ahubwo yarikw’ahishura ukuri kwamye icaha c’umugabo yirukanye umugore wiwe ata mvo y’ukuri ihari. Ab’“amutumye gusambana.” Bamwe bavuga yuko Yesu yarikw’abuza kw’asubira kurongorwa, kuko biba bibaye ubusambanyi. Arikw’ivyo ntivyumvikana. Aha icaha giharurwa ku mugabo yirukanye umugore. Kubera ivyo akoze, muki we ntakindi yo gira atar’ukurongwa n’uwundi muntu, kandi nta caha aharurwako kuko yahowe ukwinda kw’umugabo wiwe. Mu nyonga z’Imana, kubera yuk’umugabo yirukanye umugore wiwe nta kindi gisigara atar’ukurongorwa, ni nko gufata ku nguvu umugore wiwe ngw’aryamane n’uwundi mugabo. Rero umwe yiyumvira kw’atasambanye aharurwa kw’ivyaha bibiri, iciwe n’ic’umugore wiwe.

Yesu ntiyari kuvuga yukw’Imana izoharura icaha c’ubusambanyi kur’uyu mugore, kuko koba ari akarenganyo, kandi kubuza uyo mugore gusubira kurongorwa nta nsiguro vyogira. Mbega Imana yovuga gute ko yasambanye igihe adasubiye kugorongorwa? Uko bimeze kwose nta nsiguro vyogira. Rero birumvikana igihe Imana iharuye icaha c’ubusambanyi ku mugabo kuko yirukanye umugore wiwe, n’”ubusambanyi” bw’umugore wiwe, n’aho atasambanye. Aremerewe gusubira kurongorwa.

None amajambo ya Yesu avuga yuko “uwabira umugore yahukanye azoba asambanye” twoyavuga gute”? har’ibintu bibiri gusa dushobora kuvuga. Yesu ategerezwa kuba yariko yerekana icaha c’umugabo yiyumvira yukw’atasambanye (nkuko yabivuze kur’umwe wambere), canke Yesu yarikw’avuga ku mugabo aja mu matwi umugore w’abandi ngo yahukane kugira umwirongorere kuguga yuk’umugabo wese kw’isi yarongoye umugore yahukanye azoba asambanye, rero umugabo wese mu b’isirayeli yarikuba yarasambanye namba yorarongoye umugore yahukanye kugira ngw’ivyagezwe vya Mose vyubahirizwe. Kanatsinda, umuntu wese mu bariko bumviriza Yesu ico gihe kand’amaze kurongora umugore yahukanye yari guca aharurwa kw’icaha kugira ngw’ivyagezwe vya Mose vyubahirizwe, buno nyene namba Yesu yar’ahinduye ivyagezwe vy’Imana. Ikindi ikirengeye vyose, muri kazoza umuntu wese arongoye umugore yahukanye kuko yizera amajambo ya Paulo mu cete yandikiye ab’i Korinto avuga kw’atari caha, yarikuba asambanye.

Impwemu ya Bibiliya inshoboza kunezerwa umuntu arongoye umugore yahukanye. Nimba yaguye mu mporero kuko umugabo wiwe aganjwe n’umutima wokwikunda, no mushima nk’uko nshima umugabo arongora umupfakazi, akamwitwararika. Nimba umugabo wiwe wa mbere yamubonye kw’igeteye isoni, nomunezererwa kuko yishushanije na Kristo mu kuraba ivyiza gusa biri kur’uwo mugore, akemere kugawa kuko yahariye kahise k’uyo mugore. Ni kuki umuntu yasomye Bibiliya kandi afise Mpwemu Yera aba muri we yovuga ko Yesu yarikw’abuza umuntu wese kurongora umugore yahukanye? Mbega ivyo bihuriye n’ubutungane bw’Imana, ubutungane budashobora kurenganura umuntu yarenganijwe, nk’umugore yirukanywe ata kosha yakoze? Ubona ivyo bisa n’ubutumwa bwiza, butunga ikogongwe kandi bugaha irindi bakwe abanyavyaha bihanye?

Incamake (In Summary)

Bibiliya ivuga yuko kwahukana bizana icaha ku muntu umwe canke bompi. Imana ntaho yigeze itegura kw’abantu bahukana, ariko kubw’imbabazi zayo yarashizeho umuti wo kwahukana igihe ibihumanya bibaye. Kandi ku bw’ubuntu bwayo ntirwanya abantu bahisemwo gousubira kurongora.

Iy’ataba amajambo ya Yesu ku vyerekeye gusubira kurongora, nta muntu n’umwe asoma Bibiliya yokwiyumviriye ko gusubira kurongora ari icaha (kiretse b’abantu babiri gusa umwe wo mw’isezerano rya kera n’umwe icagezwe kigoye ku bantu bahukana n’abasubira kurongora (nko kugerageza gutonora irigi ribisi), maze kigashira abantu mu kuzazanirwa gutuma abantu barenga ayandi mabwirizwa y’Imana. Ahubwo, yarikw’afasha abantu kubona uburyarya bwabo, ukwifuza kwabo n’umutima wabo ku vyerekeye kwahukana.

Nkuko Bibiliya yose ivyigisha, guharirwa ni ku banyavyaha bihanye hatarinze kurabwa ubunini bw’icaha bakoze, kandi baba bagifise ibakwe ryo kwatura igihe bongeye gucumura, n’ico kimwe n’abantu bahukanye. Nta caha mw’Isezerano Rishasha, kiretse uwahukanye bompi ar’abakristo, gishobora gukorwa igihe abizera batagendera mu bihumanya ni ho rero ata gituma na kimwe co kwahukana cobaho. Igihe bishitse bakahukana, bompi babe ibisubiramuhira canke basubirane.

 


[1]

Fata nk’umwungere yahukanye agaca acibwa mu mubiri wa Kristo kuko yasubiye kurongora. Agaca avuga ati, “Vyari kumbera vyiza kwica umugore wanje hako ndamwirukana. Iyo ndamwica nari kwihana, nka harirwa, nkaca ndongora biciye mu mategeko, nkibandaniriza igikorwa.”

To subscribe to David Servant's periodic e-teachings, click here.


Kirundi » Kwahukana no Gusubira Kurongora (Divorce and Remarriage)

Umubatizo wa Mpwemu Yera (The Baptism in the Holy Spirit)

Igice ca Cumi na Rimwe (Chapter Eleven)

Usomye igitabo cose c’ivyakozwe n’intumwa, igikorwa ca Mpwemu Yera kiragaragara mw’ishengero rya mbere ku rupapuro rwose. Ukuye igikorwa ca Mpwemu Yera ntaco woba usigaranye mur’ico gitabo. Ni We yashoboje abigishwa ba mbere “guhindura isi” (raba Ivyakozwe n’intumwa 17:6; Bibiliya y’icongereza yitwa KJV).

Ahantu hari ishengero ryagutse cane, usanga hari abigishwa ba Yesu bumvira kandi bakoreshwa na Mpwemu Yera. Ntibidutangaze. Ivyo Mpwemu Yera ashobora gukora mu misegonda cumi biruta ibikorwa mu nguvu zacu imyaka ibihumbi cumi. Umukozi agira abigishwa ategerezwa gutahura ico ivyanditswe bivuga kuri Mpwemu Yera n’ico Ashobora gukora mu bamwizera.

Dusanga uturorero tw’abizera babatizwa muri Mpwemu Yera, bakorera Imana mu bushobozira Imana mu gitabo c’ivyakozwe n’intumwa. Twize tugakurikiza izo nyigisho tuzoba duhiriwe kuko duca tuba mu vyo babayemwo tugafashwa cane na Mpwemu Yera. N’aho hari abantu bavuga kw’ivyo bitangaza vyaheranye n’intumwa za mbere, nta canditswe mbona, nta kahise canke iciyumviro cumvikana gishobora kuvyemeza. Ivyo vyavuye k’ukutizera. Abizera ico ijambo ry’Imana risezerana bazobona iyo migisha basezeraniwe. Nkukw’abisirayeki batinjiye mu gihugu c’isezerano, abadashaka kwizera amasezerano y’Imana ntibazoshikira ivyo Imana yabateguriye. Wumva uhagaze he? Jewe mpagaze mu mugabane w’abizera.

Ibikorwa Bibiri vya Mpwemu Yera (Two Works by the Holy Spirit)

Umuntu wese yizera Umwami Yesu aramaze kubona igikorwa ca Mpwemu Yera mu bugingo bwiwe. Umuntu wiwe w’imbere, cank’impwemu yiwe, iramaze kuvyarwa ubwa kabiri na Mpwemu Yera (raba Tit. 3:5), kandi ubu Mpwemu Yera aba muri we (raba Rom. 8:9; 1Kor. 6:19). Aramaze “Kuvyarwa na Mpwemu” (Yohana 3:5).

Kubw’ugutahura nabi, abizera ingabire za Mpwemu bagira ikosha ryo kubwira abantu batavuga indimi nsha ngo ntibararonka Mpwemu Yera. Arik’uraba ivyanditswe ukaraba n’ingene bigenda mu buwima bwa misi yose usanga ikosha rigaragara. Hari abantu batizera ibikorwa vya Mpwemu Yera/canke batari mu ba pentekoti ariko bafise ibimenyesto vya Mpwemu gusumba abavugako bizera ibikorwa vya Mpwemu Yera/cank’abari mu ba pentekoti! Abo bantu babonekakw’ivyamwa vya Mpwemu bivugwa mu b’i Galatiya 5:22-23 badashobora kugira Atari Mpwemu Yera ubwiwe ibikora muri bo.

Umuntu avyawe na Mpwemu, ntibisigurako aba amaze kubatizwa muri Mpwemu Yera. Twisunze ivyo Bibiliya ivuga, kuvyarwa na Mpwemu Yera no kubatizwa muri Mpwemu biratandukanye.

Reka turabe ivyo Yesu yavuze kuri Mpwemu Yera igihe yavugana na wa mugore adakijijwe bahuriye i Samariya:

Iy’uba uzi ingabire y’Imana, ukamenya n’uwugusavye ngo “Mpa utwokunywa” uw’ari we, nawe uba umusavye, nawe akaguha amazi y’ubugingo….Uwunywa kur’ayo mazi wese [amazi yo kw’iriba] azosubira kugira inyota; arik’uwunywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota ukundi gushitsa ibihe bidashira, arikw’amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubugingo budashira (Yohana 4:10, 13-14).

Turashobora kuvuga yukw’imbizi y’amazi Yesu yarikw’aravuga igereranywa na Mpwemu Yera aba mu wizera wese. Mu njili ya Yohana, Yesu yarasubiye gukoresha iryo ryungane nyene, “amazi y’ubugingo,” kandi nta nkeka yarikw’avuga kuri Mpwemu Yera:

Nuko ku musi uherukira ya misi mikuru, ni wo musi uruta iyindi, Yesu arahagarara, arasemerera, “ati Namba har’uwufise inyota, naze kuri jewe, anywe, Uwunyizera, inzuzi z’amazi y’ubugingo zizotemba ziva mu nda yiwe, nk’ukw’ivyanditswe bivuga.’” Arikw’ivyo yabivuze kuri Mpwemu Yera atari bwa tangwe, kuko Yesu atari bwashike mu bwiza bwiwe (Yohana 7:37-39, dushimikira ku nsobanuro).

Mur’iri ryungane Yesu ntiyavuze kw’“inzuzi z’amazi y’ubugingo ziburuka muri we.” Ahubwo, inzuzi z’amazi y’ubugingo zitemba ziva mu nda y’uwizera.

Ibi bice bibiri bisa dusanga mu njili ya Yohana vyerekana neza cane itandukaniro riri hagati yo kuvuka ubwa kabiri no kubatizwa muri Mpwemu Yera. Kuvuka ubwa kabiri bigirira inyungu uwuvuka ubwa kabiri, bimuha umunezero w’ibihe bidashira. Rero iy’umuntu amaze kuvuka ubwa kabiri, aba afise muri we ikigega c’ubugingo yaahawe na Mpwemu ari muri we.

Ariko umubatizo wa Mpwemu Yera ni ku nyungu y’abandi, vygenewe gukomeza abera no kubakorera mu bubasha bwa Mpwemu. “Inzuzi z’amazi y’ubugingo” zizokwiburuka ziva mu nda yiwe, zizanira abandi imigisha y’Imana mu bubasha bwa Mpwemu Yera.

Ni Kuki Umubatizo wa Mpwemu Year Ukenewe

(Why the Baptism in the Holy Spirit is Needed)

Kugira dubashe gukorera abandi dukeneye imfashanyo iva kuri Mpwemu Yera! Atadufashije, ntidushobora no kugira iciyumviro co kugira abigishwa. Ni co gituma Yesu yasezeranye abizera umubatiwo wa Mpwemu Yera—ni ho abera bashobora gushikiriza amahanga ubutumwa bwiza. Yabwiye abigishwa biwe ati:

Umve, ngira mbarungikire ico Data yasezeranye; ariko mugume mu gisagara, kugeza aho muzokwambikirwa ubushobozi buvuye mw’ijuru” (Luka 24:49, dushimikira ku nsobanuro).

Luka yanditse aya majambo ya Yesu uku gukurikira:

Sivyanyu kumenya imisi cank’ibihe Data yashinze n’ububasha bwiwe wenyene; ariko muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kushingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi (Ivyak. 1:7-8, dushimikira ku nsobanuro).

Yesu yabwiye abigishwa biwe ko bazova i Yerusalemu igihe “bambitswe ubushobozi buva mw’ijuru.” Yar’azi kw’ata nkomezi bazogira batararonka ubwo bubasha, ntibashobora gushitsa igikorwa bahamagariwe. Turabona yukw’igihe babatijwe muri Mpwemu Yera, n’iho Imana yatangura kubakoresha mu bushobozi mu gikorwa co gukwiza ubutumwa.

Amamiriyoni y’abakristo bo kw’isi, igihe babatijwe muri Mpwemu Yera, ni ho bagendera mu nkomezi nshasha, cane cane igihe co gushinga intahe mu badakijijwe. Nih’amajambo yabo atangura kwemeza abantu, bashobora kuvuga imirongo batari bacibuka. Abandi bagatahura imihamagaro n’ingabire zabo, bagakora ibikorwa bitandukanye harimwo no kuvuga ubutumwa. Abandi basanga Imana irikw’irabakoresha mu bikorwa vyinshi n’ingabire za Mpwemu. Ico gikorwa cabo kiboneka muri Bibiliya yose. Abahakana ivyo bikorwa ntibashobora kubeshera Bibiliya. Ni abagarariji.

Twebwe twigira kuri Kristo ibintu bitandukanye harimwo no gukorana na Mpwemu Yera. Yashizwe mu nda ya Mariya mu bubasha bwa Mpwemu (raba Mat. 1:20). Ariko n’aho yavyawe na Mpwemu Yera yarabatijwe na Mpwemu Yera imbere yo gutangura igikorwa ciwe ku mugaragaro (raba Mat. 3:16). Nimba Yesu yarabatijwe na Mpwemu Yera ngw’ashobore gukora, nit we tudakenye kubatizwa na Mpwemu Yera?

Ikimenyetso Cerekana Umubatizo wa Mpwemu Yera

(The Initial Evidence of the Baptism in the Spirit)

Igihe uwizera abatijwe muri Mpwemu Yera, aravuga mu “ndimi nsha” canke “indimi zitamenyekana” . Har’ivyanditswe vyinshi bishigikiye iyi nyigisho. Reka tuvyihweze.

Ubwa mbere, atar’urizwa mw’ijuru, Yesu yavuzeko kimwe mu bimenyetso bizokurikira abizera ari ukuvuga mu zindi ndimi:

Mugende muje mu bihugu vyose, mubwire abaremwe bwose ubutumwa bwiza. Uwizera akabatizwa azokizwa; arik’utizera azotsindwa n’urubanza. Kand’ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera n’ibi: bazosenda abadayimoni mw’izina ryanje; bazovuga indimi nsha (Mariko 16:15-17, dushimikiye ku nsobanuro).

Har’abadondora Bibiliya bavuga yukw’iyi mirongo idakwiye kuba muri Bibiliya kuko itari mu nyandiko zose za kera. Inyandiko za kera zirimwo ivyo vyanditswe, kandi abadondora Bibiliya benshi bavuga icongereza bashigikira ico ciyumviro co kuyikuramwo. Inyigisho ya Yesu dusanga mur’iyo mirongo ihuriza hamwe n’ivy’ishengero rya mbere ryagenderamwo nk’uko tubibona mu vyakozwe n’intumwa.

Har’uturorero dutanu mu gitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa aho abizera babatijwe muri Mpwemu Yera. Reka turabe twose dutanu, igihe tukiri ngaho, tubandanye twibaza ibibazo bibiri bikurikira: (1) Mbega kubatizwa muri Mpwemu Yera vyitangirwa no gukizwa? Ikindi (2) mbega ababatijwe baravuze mu ndimi nsha? Ibi biradufasha gutahura ubugombe bw’Imana ku bizera bose.

Yerusalemu (Jerusalem)

Akarorero ka mbere tugasanga mu Vyakozwe n’Intumwa 2, igihe bamwe ijana na mirongwibiri babatizwa muri Mpwemu Yera ku musi wa Pentekote:

Umusi wa Pentekote ushitse, bose bari bakoraniye ahantu hamwe; haza igihinda kivuye mw’ijuru giturumbuka, nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi, gukwira hose mu nzu bari bicayemwo. Hababonekera ibirimi vyigabanganije, nk’ivy’umuriro; bibajakw’umwu-umwe. Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga (Ivyakozwe n’Intumwa 2:1-4, hongeweko insobanuro).

Bamwe ijana na mirongwibiri bari bakijijwe imbere y’ukw’ivyo biba, bisigura yuko babatijwe muri Mpwemu Yera bamaze gukizwa. Ntivyari gushoboka, hamwe n’ivyo, ko baronka umubatizo wa Mpwemu Yera imbere y’ico gihe kuko Mpwemu Yera atari bwa habwe ishengero.

Biragaragara, ikimenyetso caranze uyo mubatizo kwar’ukuvuga izindi ndimi.

Samariya (Samaria)

Akarorero ka kabiri k’abizera babatijwe muri Mpwemu Yera tugasanga mu Vyakozwe n’Intumwa 8, igihe Filipo yaja mu gisagara ca Samariya avuga ubutumwa:

Ariko [Abasamariya] bizeye ubutumwa bwiza Filipo ababwiye bw’ubwami bw’Imana, nubw’izina rya Yesu Kristo, barabatizwa, abagabo n’abagore…. Maz’intumwa ziri i Yerusalemu zumvise yukw’abasamariya bemeye ijambo ry’Imana, zirungikayo Petero na Yohana, nabo bamanutseyo barabasengera ngo bahabwe Mpwemu Yera.; kuko Mpwemu atari bwa manuke aje no kur’umwe muri bo, bari babatijwe gusa mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo (Ivyakozwe n’Intumwa 8:12-16).

Abakristo b’i Samariya babatijwe muri Mpwemu Yera bamaze gukizwa. Bibiliya iravuga neza yuko Petero na Yohana batarashika, Abasamariya bari bamaze “kwakira ijambo ry’Imana,” kwizera ubutumwa bwiza, no kubatizwa mu mazi. Ariko Petero na Yohana baramanutse baja kubasengera, ivyanditswe bivuga ngo bagiyeyo kugira ngo “babasengere bahabwe Mpwemu Yera.” Har’ikindi co bisobanura kuruta ngaha?

Mbega abizera b’i Samariya baravuze mu ndimi nsha igihe babatizwa muri Mpwemu Yera? Bibiliya ntavy’ivuga, arikw’ivuga yuko har’ikintu gitangaje cahabaye. Igihe uwitwa Simoni yabona ibikoretse igihe Petero na Yohana barambika ibiganza ku bakristo b’i Samariya, yaragerageje gutanga amafaranga agure ubwo bushobozi bwo gutanga Mpwemu Yera:

Maze babarambik’akw’ibiganza, bahabwa Mpwemu Yera. Ariko Simoni, abonye yukw’abarambitswekw’ibiganza n’intumwa bahabwa Mpwemu Yera, azizanira amahera, “Ati Nanje nimumpe ubwo bushobozi, kugirang’uwo nzorambikakw ’ ibiganza azahabwe Mpwemu Yera” (Ivyak. 8:17-19).

Mbega Simoni yabonye iki camukweze gushika ah’agomba gutanga amahera? Yar’amaze kubona ibitangaza bitari bike, nk’abantu bakizwa abadayimoni n’ibimuga bimuguruka no gukira mu buryo bw’ibitangaza (raba Ivyak. 8:6-7). We ubwiwe ni ho yar’akiva mu bintazi vy’umupfumu, yikwegerakw’abantu i Samariya (raba Ivyak. 8:9-10). Ko bimeze gurtyo, bisigurako yabonye igihe Petero na Yohana basenze har’inkintu cakoretse. N’aho tudashobora kubivuga n’ubushizi bw’amanga, turashobora kubuga yuko yabonye ivyama bikoreka igihe abakristo babatijwe muri Mpwemu Yera nkuko tubibona mu gitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa—yumvise no kubona bavuga mu zindi ndimi.

Saulo i Damasiko (Saul in Damascus)

Umuntu wa gatatu tubona mu vyakozwe n’intumwa yahawe umubatizo wa Mpwemu Yera ni Sauli w’i Taruso, tuzi kw’izina ry’intumwa Paulo. Yakirijwe mu nzira ija i Damasiko, mbere ni ho yakubitiwe uruhunyi imisi ingahe. Imisi itatu ishize amaze gukizwa, umuntu yitwa Anania yarungitse n’Imana kuri we:

Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikakw’ibiganza, aramubwira, “ati Sauli mwene Data, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ng’uhumuke wuzure Mpwemu Yera.” Uyo mwanya ibisa n’ibikaragashi bimuva ku maso, arahumuka, ava hasi, arabatizwa (Ivyak. 9:17-18).

Sinkekeranya yuko Sauli yavutse ubwa kabiri Ananiya ataramushikira. Yarizeye Umwami Yesu akiri ku nzira ija i Damasiko, kandi yaciye yubaha amategeko y’Umwami wiwe. Vyongeye, igihe Ananiya yahura na Paulo ubwa mbere, yamwise “Sauli, mwene Data.” Menya ko Ananiya yabwiye Sauli yukw’azanywe no kumusubiza ukubona kw’amaso yiwe hamwe no kumwuzuza Mpwemu Yera. Rero Sauli, yujujwe, canke yabatijwa muri Mpwemu Yera, amaze imisi itatu akijijwe.

Ivyanditswe ntivyerekana ko Sauli yaciye abatizwa muri Mpwemu Yera, ariko bitegerezwa kuba vyarashitse inyuma yo gusengerwa na Ananiya. Nta nkeka ko Paulo yavuga mu zindi ndimi ku rwego runaka, kuberako yivugiye ubwiwe muri 1 Korinto 14:18, “Nshimira Imana yuko mbarusha mwese kuvuga mu ndimi zitamenyekana.”

Kayisariya (Caesarea)

Ahagira kane havugwa yukw’abizera babatijwe muri Mpwemu Yera tuhasanga mu Vyakozwe n’Intumwa 10. Intumwa Petero yabwiwe n’Imana kuja kuvuga ubutumwa i Kayisariya mu b’inzu ya Korneliyo. Petero amaze guhishura yukw’agakiza karonkeka mu kwizera Yesu, abanyamahanga bari ngaho bamwumviriza baravyakira mu kwizera, maze Mpwemu Yera abazako:

Petero akivuga ayo majambo, Mpwemu Yera aramanuka, aza kubariko barumva iryo jambo bose. Abizeye bo mu bakebwe barumirwa, abazananye na Petero uko bangana, kuko n’abanyamahanga nabo basutswekw’ingabire, ari yo Mpwemu Yera. Kuko bumvise bavuga izindi ndimi, bahimbaza Imana. Maze Petero arabaza, “ati Mbega har’uwushobora kwima amazi abahawe Mpwemu Yera nkatwe, ngo ntibabatizwe?” Avuga ko babatizwa mw’izina rya Yesu Kristo (Ivyak. 10:44-48a).

Ngaha, umenga abari mu nzu ya Korneliyo, ari bo babaye abanyamahanga ba mbere bizera Yesu, bavutse ubwa kabiri baca babatizwa muri Mpwemu Yera buno nyene.

Twihweje ivyanditswe bikikuje uyo murongo hamwe n’igihe barimwo muri kahise, turatahura icatumye Imana itarindira ko Petero n’abaribamuherekeje barinda kurambika ibiganza ku b’i nzu ya Korneliyo kugira ngo bahabwe Mpwemu Yera. Petero n’abandi bayuda bari bafise ingorane zo kwemera kw’abanyamahanga bashobora gukizwa canke ngo bahabwe ingabire ya Mpwemu Yera! Birashoboka ko batari no gusengera ab’i nzu ya Korneliyo ngo bahabwe umubatizo wa Mpwemu Yera, nih’Imana yavyikorera mu bubasha bwayo. Imana yariko yigisha Petero n’abamuherekeje ku vyerekeye ubuntu bw’Imana butangaje ku banyamahanga.

Ni igiki cemeje Petero n’abamuherekeje kw’ab’inzu ya Korneliyo bahawe Mpwemu Yera? Luka yanditse ati, “ Kuko bumvise bavuga izindi ndimi” (Ivyak. 10:46). Petero yavuze kw’abo bahawe Mpwemu Yera nka bamwe ijana na mirongibiri ku musi wa Pentekote (raba 10:47).

Efeso (Ephesus)

Ahagatanu havuga ku bizera babatijwe muri Mpwemu Yera tuhasanga mu Vyakozwe n’intumwa 19. igihe yagendagenda muri Efeso, intumwa Paulo ihura na bamwe mu bigishwa arababaza: “Ati Mbega mwarahawe Mpwemu Yera igihe mwizera?” (Ivyak. 19:2).

Paulo, umuntu yanditse ivyete vyinshi vyo mw’isezerano Rishasha, yizera yuk’umuntu ashobora kwizera Yesu ariko ntabe araronka umubatizo wa Mpwemu Yera. Ahandi ho ntiyari kurinda kubaza kibazo nk’ico.

Abo bantu bishuye bavuga yuko batarigera bumva uwitwa Mpwemu Yera. Kanatsinda, bari barumvise ivyo kuza kwa Mesiya nkuko Yohana yabivuga, ari na we yababatije. Paulo yaciye ababatiza mu mazi ubugira kandi, ni ho rero babatizwa rukristo. Niho rero, Paulo yabarambikakw’ibiganza kugira ngo bahabwe Mpwemu Yera:

Bavyumvise babatizwa mw’izina ry’Umwami Yesu. Paulo amaze kubarambikakw’ibiganza, Mpwemu Yera abazako, bavuga izindi ndimi, bavugishwa n’Imana. Abo bose bar’abagabo nk’icumi na babiri (Ivyak. 19:5-7).

Ubugira kandi, biragaragara yuk’umubatizo wa Mpwemu Yera ukurikira ukuvuka ubwa kabiri, tutarinze no kuraba yukw’abo bagabo cumi na babiri bari bizeye canke batizera igihe bahura na Paulo. Kandi, ikimenyetso c’umubatizo wabo muri Mpwemu Yera cabaye kuvuga mu ndimi nsha (mbere aba baciye bavugishwa n’Imana).

Ingingo (The Verdict)

Reka dusuzume twa turorero dutanu. Tune muri two, twerekana yuk’umubatizo wa Mpwemu Yera uza umuntu amaze gukizwa.

Dutatu muri two, ivyanditswe vyerekana yukw’abantu bavuze mu zindi ndimi igihe baronse umubatizo wa Mpwemu Yera. Igihe Paulo yahura na Ananiya, umubatizo wiwe muri Mpwemu Yera ntuvugwa neza, ariko turazi ko yavuga mu ndimi zitamenyekana. Ako ni akarorero ka kane.

Mu karorero gasigaye, har’ikintu kidasanzwe cashitse igihe abizera b’i Samariya bahabwa Mpwemu Yera kubera yuko Simoni yagerageje kugura ubushobozi bwo gutanga Mpwemu Yera.

Rero biragaragara. Mw’ishengero rya mbere, abizera bavutse ubwa kabiri baronka ubuzima bushasha mu kubatizwa muri Mpwemu Yera, kand’iyo babatijwe, baravuga mu ndimi nsha. Ibi ntibishobora kudutangaza kuko Yesu yavuze yukw’abazokwizera izina ryiwe bazovuga indimi nsha.

Turafise ivyotuma tugira incamake rivuga yuk’uwumaze kuvuka ubwa kabiri wese ategerezwa kugendera mu nkomezi za Mpwemu Yera—ni ko kubatizwa muri Mpwemu Yera. Bitayeko, uwizera wese ategerezwa kwitega kuvuga indimi nsha igihe yakiriye umubatizo wa Mpwemu Yera.

Ingene Wokwakira Umubatizo wa Mpwemu Yera

(How to Receive the Baptism in the Holy Spirit)

Nk’izindi ngabiri zose z’Imana, Mpwemu Yera aronkeka mu kwizera (raba Gal. 3:5). Kugira ngw’agire ukwizera gutuma bikoreka, uwizera ategerezwa kumenya neza kw’ari ubugombe bw’Imana ko aronka umubatizo wa Mpwemu Yera. N’iyijijanya imitima canke agakekeranya, ntaco azoronka (raba Yakobo 1:6-7).

Nta mukristo n’umwe afise imvo zotuma atemera yukw’Imana ishaka ko ha ahabwa umubatizo wa Mpwemu Yera, kuko Yesu yerekanye ubugombe bw’Imana mu kuvuga ati:

None mwebwe, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye (Luka 11:13).

Iryo sezerano riva mu kanwa ka Yesu ritegerezwa kwemeza umwana w’Imana wese yukw’ar’ubugombe bw’Imana kubatizwa muri Mpwemu Yera.

Uyu murongo nyene ushigikira iciyumviro kivuga yuk’umuntu abatizwa muri Mpwemu Yera amaze kuvuka ubwa kabiri, kuko ngaha Yesu asezeranye abana b’Imana (abafise Imana nka “Se wo mw’ijuru”) ko Data zobaha Mpwemu Yera ni bamumusaba. Biragaragara, iyo Mpwemu Yera aba atuvyara ubwa kabiri gusa igihe dukijijwe, iryo sezerano rya Yesu nta kamaro ryari kuba rigifise. Si nk’abiga ivy’Imana bamwe bamwe, Yesu abona yuko bibereye cane k’umuntu amaze kuvuka ubwa kabiri asaba Imana kumuha Mpwemu Yera.

Dufatiye kuri Yesu, har’ibintu bibiri gusa uwushaka guhabwa Mpwemu Year asabwa. Ica mbere, Imana itegerezwa kuba So, kandi nikw’itegerezwa kwitwa igihe uvutse ubwa kabiri. Ica kabiri, utegerezwa kumusaba Mpwemu Yera.

N’aho kwakira Mpwemu Yera biciye mu kurambikwakw’ibiganza vyemewe n’ivyanditswe (raba Ivyak. 8:17; 19:6), menya kw’atari yo nzira yo nyene. Umukristo wese arashobora guhabwa Mpwemu Yera igihe yisengera ubwiwe. Akeneye gusaba, kwakira mu kwizera, no gutangura kuvuga izindi ndimi nkuko Mpwemu amushoboje.

Ubwoba Busanzwe (Common Fears)

Har’abantu batinya gusaba Mpwemu Yera biyumvira yuko, bashobora kuba bugururiye abadayimoni umuryango muri bo. Hamwe n’ivyo, ico ciyumviro nta rufatiro gifise. Yesu yaradusezeranye,

Kandi ni nde muri mwebwe w’umuvyeyi, umwana wiwe yo musaba umutsima, akamuha ibuye; canke yomusaba ifi, akamuha inzoka; canke yomusaba irigi, akamuha sikorupiyo? None mwebwe ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega so wo mw’ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye? (Luka 11:11-13).

Iyo dusaba guhabwa Mpwemu Yera, Imana iduha Mpwemu Yera, kandi ntidukwiye kugira ubwoba ngo twohava duhabwa ico tutasavye.

Har’abandi bagira impungenge ngo bohava bavugisha ururimi rw’ivyiyumviro vyabo rutari urwo bahawe na Mpwemu Yera. Ugerageje kwivugisha ururimi rutamenyekana, uzosanga bidashoboka. Tahura yukw’igihe wifuza kuvuga izindi ndimi, utegerezwa kubumbura akanwa, ururimi rugasohora amajambo. Mpwemu Yera ntashobora kuvuga mu kibanza cawe—Ico akora aragushoboza gusa. Ni umufasha wacu, si we akora. Utegerezwa kuvuga, nkuko Bibiliya ivyigisha:

Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuvuga (Ivyak. 2:4, hongeweko insobanuro).

Paulo amaze kubarambikakw’ibiganza, Mpwemu Yera abazako, bavuga izindi ndimi (Ivyak. 19:6, hongeweko insobanuro).

Uwizera amaze gusaba ingabire ya Mpwemu Yera, ategerezwa kwizera no kwitega kuvuga izindi ndimi. Kuko Mpwemu Yera yakirwa mu kwizera, ntutegerezwa kurindira gushika wumvise ubushuhe canke imbeho muri wewe. Utegerezwa kubumbura akanwa gusa ugatangura kuvuga indome Mpwemu Yera agahaye. Uwizera adatanguye kuvuga mu kwizera, Mpwemu Year ntashobora kugira ico agufashije. Utegerezwa kuvuga, Mpwemu na we akaguha ububasha bwo kuvuga.

Isoko ry’uko Gushobozwa (The Source of the Utterance)

Nkuko Paulo abivuga, igihe uwizera asenga mu ndimi zitamenyekana, ubwenge bwiwe si bwo busenga ahubwo ni impwemu yiwe:

Iyo nsenga mu rurimi rutamenyekana, impwemu yanje irasenga, arik’ubwenge bwanje buragumbaha. Nuko ngire nte? Nzosengesha impwemu yanje, ariko kandi nzosengesha n’ubwenge: nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n’ubwenge (1 Kor. 14:14-15).

Paulo yavuzekw’iyo asenga mu rurimi rutamenyekana, ubwenge bwiwe bugumbaha. Bisigura yuk’ubwenge bwiwe butagiramwo umugabane, kandi ntatahura ivyo asenga mur’urwo rurimi rutamenyekana. Ahubwo rero, hakw’asenga mu rurimi rutamenyekana igihe cose kandi adatahura ivyo asenga, Paulo yarafata akanya ko gusenga mu rurimi rwiwe. Yarafata akanya ko kuririmba mu ndimi hamwe n’akanya ko kuririmba mu rurimi rwiwe. Yaha ikibanza ubwo buryo bwompi bwo gusenga, kandi tubikurikije twoba tur’abanyabwenge.

Menya kandi ko Paulo, yavuga mu rurimi rutamenyekana canke mu rurimi rwiwe uk’ avyishakiye. Arauvuga ati, “Nzosengesha impwemu yanje, ariko kandi nzosengesha n’ubwenge.” Abanegura bavuga yukw’iyaba kuvuga ururimi rutamenyekana ari ingabire iva kuri Mpwemu, umuntu ntiyarigushobora kuyiganza, kuko kwoba ur’ukuganza Imana. Arikw’ico ciyumviro ntaho gifatiye. Indimi zitamenyekana zavugwa kera n’izivugwa ubu vyashiriweho kuganzwa n’abantu kukw’Imana arikoyateguye ko biba. Mbega abo banegura barashobora kuvuga yuko amaboko bafise atari rwabo kubera yuko bayaganza, kandi kuganza ico Imana iguhaye ari nk kuganza Imana.

Umaze kubatizwa muri Mpwemu Yera, urashobora gusuzuma ubwawe yukw’indimi zitamenyekana uvuga ziva mu mpwemu yawe canke mu bwenge bwawe. Ubwa mbere, gerageza uvugane n’umuntu igihe uriko urasoma iki gitabo. Usanga udashobora kubibangikanya. Uca utahura, ahubwo, yuko ushobora gushishikara kuvuga izindi ndimi kandi uriko urasoma uki gitabo. Iki bituma n’uko mu kuvuga izindi ndimi utaba udakoresha ubwenge bwawe—ukwo kuvuga kuva mu mpwemu yawe. Igihe ukoresha impwemu yawe mu gusenga, urashobora gukoresha ubwenge bwawe mu gusoma no gutahura ivyo usoma.

Ubu k’Umaze Kubatizwa muri Mpwemu Yera

(Now That You Are Baptized in the Holy Spirit)

Fata nka nkama igituma ngenderwako catumwe Imana iguha umubatizo wa Mpwemu Yera—ni kugushoboza kuba icabona ciwe, biciye mu kugaragaza icamwa n’ingabire za Mpwemu (raba 1 Kor. 12:4-11; Gal. 5:22-23). Mu kubaho ubuzima nk’ubwa Yesu no kwerekana urukundo rwiwe, umunezero, n’amahoro mw’isi, hamwe no kugaragaza ingabire za Mpwemu zidasanzwe, Imana izogukoresha kuzana abandi kuri yo. Ububasha bwo kuvuga izindi ndimi ni imwe mu “nzuzi z’ubugingo” zitegerezwa gutemba ziva muri twebwe.

Kandi wibuke yukw’Imana yaduhaye Mpwemu Yera adushoboze gushikira amahanga yose yo kw’isi n’ubutumwa bwiza (raba Ivyak. 1:8). Igihe tuvuga mu zindi ndimi, dutegerezwa kumenya yuk’ururimi dukoresha rushobora kuba rumwe mu ndimi zivugwa mu bwoko cank’igihugu runaka co kw’isi. Igihe cose dusenga mu zindi ndimi, dutegerezwa kwibuka kw’Imana ishaka yukw’abantu bose bo kw’isi bumva ivya Yesu. Dutegerezwa kubaza Imana ingene igomba ko dushitsa itegeko rikuru rya Yesu.

Kuvuga mu ndimi nsha ni gikorwa dutegerezwa kugira igihe cos ebidushobokera. Paulo, nk’inkomezi zo mu mpwemu, yanditse, “ Nshimira Imana yuko mbarusha mwese kuvuga mu ndimi zitamenyekana” (1 Kor. 14:18). Yandikiye ayo majambo ishengero ryavugishwa cane mu ndimi zitamenyekana (kenshi mu mwanya utari wo). Nuko, ategerezwa kuba yaravuga cane mu zindi ndimi kuruta ukw’abandi babigira. Gusenga mu rurimi rutamenyekana bituma tuguma mu bucuti budasanzwe na Mpwemu Yera, vyongeye bidufasha “gusenga ubudahumeka” nkuko Paulo yavigishije muri 1 Tesalonike 5:17.

Paulo yarigishije kandi yuko kuvuga mu zindi ndimi vyubaka uwizera (raba 1 Kor. 14:4). Bisigura ko twubakwa mu mpwemu. Mu gusenga mu zindi ndimi, turashobora, mu buryo bumwe kutabitahura, ariko bikomeza umuntu wacu w’imbere. Kuvuga mu zindi ndimi bituzanira ibikenewe kugira ng’ubugingo bw’uwizera bokomezwe ku musi ku musi atari mu kwuzuzwa rimwe gusa Mpwemu Yera.

Umaze kubatizwa muri Mpwemu Yera, ndagutera intege zo kugira akanya buri musi ko gusenga Imana mur’urwo rurimi rwawe rushasha. Bizokwagura no gukuza cane ubugingo bwawe bwo mu mpwemu.

Inyishu ku Bibazo Bikeye Tumenyereye

(Answers to a Few Common Questions)

Mbega turashobora kuvuga twemeza yukw’abizera batara vuga mu zindi ndimi batarabatizwa muri Mpwemu Yera? Jewe ubwanje, si ko ndabibona.

Nama ntera intege abantu ngo bitege kuvuga mu ndimi igihe ndabasengera ngo babatizwe muri Mpwemu Yera, kandi ibice 95 kw’ijana ni bo bavuga mu ndimi nsha mpejeje gusenga. Iyo misegonda bafata kugira ngo bavuge mu ndimi nsha ishobora kuba ibihumbi vy’abantu mu kiringo c’imyaka runaka.

Nsishobora kuvuga, hamwe n’ivyo, k’umuntu yasavye kubatizwa muri Mpwemu Yera arikw’ataravuga mu ndimi nsha yukw’atarabatizwa muri Mpwemu Yera, kubera yuk’umubatizo wa Mpwemu Yera uronkeka mu kwizera kandi kuvuga mu ndimi n’ivy’umuntu yishakira. Ahubwo, ndose akaryo ko kuvugana n’uwizera yasavye kubatizwa muri Mpwemu Yera gushika ubu ataravuga mu rurimi rutamenyekana, mbanza kumwereka ivyanditswe vyose bivuga ku ndimi zitamenyekana mu gitabo c’ivyakozwe n’intumwa. Nca ndamwereka ingene Paulo yavuze kw’aganza ukuvuga kwiwe mu zindi ndimi. Nka Paulo, ndashobora kuvuga mu ndimi igihe cose ndavyishakiye, rero ndashobora no gufata ingingo, ndavyishakiye, kutazokwigera mvuga izindi ndimi. Ko bimeze gurtyo rero, ndashobora kuva narabatijwe muri Mpwemu Yera ariko sinigere mvuga ururimi rutamenyekana kuko ntashaka kuvuga nkuko Mpwemu anshoboza.

Ubugira kandi, igihe ndose akaryo ko kuvuga n’uwizera yasavye kubatizwa muri Mpwemu Yera gushika n’ubu ataravuga izindi ndimi, sinshobora kumubwira (kandi nta ni vyo nizera) yukw’azoba atarabatizwa muri Mpwemu Yera. Nca ndamusobanurira ingene kuvuga izindi ndimi s’igikorwa Mpwemu Yera ashobora gukora tutishakiye. Nsobanura yuko Mpwemu Yera atubashisha kuvuga, ariko dutegerezwa kubumbura akanwa tukavuga, nka kumwe umuntu avuga mu rurimi rwiwe. Nca ntera intege uyo muntu yemerere Mpwemu Yera ace atangura kuvuga mu ndimi. Kenshi ata gukekeranye, bose baca bavuga mu ndimi nsha.

Mbega Paulo Ntiyanditse yuko Atari Bose Bavuga Izindi Ndimi?

(Didn’t Paul Write that Not All Speak with Tongues?)

Ikibazo ngereranyo ca Paulo, “Bose bavuga izindi ndimi?” (1 Kor. 12:30) inyishu ni “Oya,” bitegerezwa kwemeranya n’ibindi vyose biri mw’Isezerano Rishasha. Ikibazo ciwe kiri mu nyigisho yarikw’aratanga ku bijanye n’ingabire za Mpwemu, kuko umwe wese ahabwa uko Mpwemu avyishakiye (raba 1 Kor. 12:11). Paulo yariko yandika ku ngabire yo kuvuga “indimi zitandukanye” (1 Kor. 12:10) nkuko Paulo abivuga, itegerezwa guherekezwa n’ingabire yo gusobanura indimi. Iyi ngabiri siyo ab’i Korinto berekana mw’ishengero ryabo imisi yose, kuko bavugira hejuru mu ndimi zitamenyekana kand’ata muntu n’umwe ashobora kuzisobanura. Turashobora kubaza duti, Ni kuko Mpwemu Yera ashobora guha umuntu ingabire yo kuvuga izindi ndimi mu bandi ntatange ingabire zirusobanura? Inyishu ni Ntashobora kugira gurtyo. Ahubwo, Mpwemu Yera yaba arikw’akora ikitari mu bugombe bw’Imana.

Ab’i Korinto bategerezwa kuba bariko basengera hejuru mu zindi ndimi igihe bakoranye, badafise ingabire yo gusobanuro izo ndimi zitamenyekana. Rero, tubonye yuko kuvuga izindi ndimi bikoreshwa mu buryo bubiri butandukanye. Ubwa mbere ni gusenga mu rurimi rutamenyekana, ari vyo Paulo avuga yuko bigirirwa umuntu ari wenyene. Ubwo bwoko bwo kuvuga izindi ndimi ntasobanuro bugira, nkuko Paulo yavuze ati, “impwemu yanje irasenga, arik’ubwenge bwanje buragumbaha” (1 Kor. 14:14). Biragaragara, Paulo ntiyamenya ivy’arikw’aravuga igihe asenga mu rurimi rutamenyekana. Nta gutahura kwiwe kwabamwo; kandi ntasobanuro yabaho.

Kandi hariho, ubwoko bw’izindi ndimi bwagenewe gukorera mu makoraniro y’abera, ni bwo bwama buherekezwa n’ingabire yo gusobanura indimi zitamenyekana. Ivyo biba igihe Mpwemu Yera akorera mu muntu kanaka nkukw’avyishakiye, akamuha iyo ngabire. Uyu muntu avugira hejuru mw’ikoraniro, maze hagaca habaho insobanuro itanzwe. Imana, rero, ntikoresha abantu bose mur’ubwo buryo. Ni co gituma Paulo yanditse ko bose batavuga ururimi rutamenyekana. Si bose bakoreshwa n’Imana gurtyo, ingabire yo kuvuga ururimi rutamenyeka giturumbuka. Iyo ni yo nzira yo gufaniriza hamwe iki kibazo ca Paulo, “Bose bavuga izindi ndimi?” n’ibindi vyanditswe.

Nshobora kuvuga mu ndimi aho ndabishakiye hose, nka Paulo. Jewe canke Paulo ntidushobora kuvuga yukw’igihe tuvuga izindi ndimi ni ko “Mpwemu abaturongoye.” Tubigira aho dushakiye. Rero ikintu dukora aho dushakiye ntigishobora kuba ingabire yo kuvuga mu ndimi “nkuko Mpwemu ashatse.” Ikirengeye vyose, Paulo, nka nje, yavuga mu zindi ndimi ari wenyene n’aho adatahura ivyo arikwaravuga, rero iyo ntishobora kuba ingabire yo kuvuga izindi ndimi yanditse mu b’i Korinto ba 1, yavuze kw’itegerezwa guherekezwa n’ingabire yo gusobanura izindi ndimi.

Ni gake cane maze kuvugira hejuru ururimi rutamenyekana. Ndabigira igihe numva Mpwemu Yera agomba kuvugana n’ikoraniro, naho narigushobora (nkukw’ab’i korinto babikora) gusengera hejuru mu zindi ndimi aho nshakiye hose mw’ishengero kandi ata ngabire yo kuzisobanura ihari. Igihe cose numva Mpwemu Year agomba kuvuga na n’abiwe, hama hariho ingabire isobanura kugira ngo yubake umubiri wiwe.

Mu kurangiza, dutegerezwa gusobanura neza Bibiliya. Abavuga, kubera ikibazo Paulo yabajije mu b’i Korinto ba 1 igice ca 12:30, yukw’abizera bose badashobora kuvuga izindi ndimi, baba bibagiye ibindi vyanditswe vyinshi bitemeranya n’iyo nsobanuro yabo. Kubera ubwo buzimire, barahomvye umugisha mukuru Imana itanga.

To subscribe to David Servant's periodic e-teachings, click here.


Kirundi » Umubatizo wa Mpwemu Yera (The Baptism in the Holy Spirit)

Umusiguzi Yesu Akunda Cane (Jesus’ Favorite Preacher)

Igice c’Icenda (Chapter Nine)

Urashobora gutangara wumvise ko Yesu yar’afise umusiguzi yakunda cane. Urashobora mbere no gutangara umenye yukw’atari mw’ishengero rya Luteriene, Metodiste, Pentekote, Angikane, canke Presbiteriene. Nta dini yari afise! Yitwa Yohana Umubatizi! Yesu yamushingiye intahe ikurikira:

Ndababwire ukuri: mu bavyawe n’abagore ntihigeze kuboneka umuntu aruta Yohana Umubatizi (Mat. 11:11a).

Turazi kw’abantu bose bavyawe n’”abagore,” iyi mvugo nk’uko Yesu abibona, yerekana ko Yohana Umubatizi aruta abantu bose bigeze kubaho. Mu kuvuga gurtyo, Yesu ntiyashikuje. Si bibi kwiyumvira ko Yesu yahayagiza Yohana kubera ingeso yar’afise. Ni co gituma dutegerezwa kwiga no kwigana izo ngeso. Ndabona ingeso ndwi zo mu mpwemu zatumye Yohana Umubatizi ashimwa cane. N’aho igikorwa ca Yohana cerekana ibango ryo kuvuga ubutumwa, umukozi w’Imana wese ategerezwa kugira izo ngeso ndwi. Duhere ku ya mbere.

Ingeso ya Mbere ya Yohana (John’s First Quality)

Uko ni kwo gushinga intahe kwa Yohana, ah’Abayuda bamutumakw’abaherezi n’Abalewi bavuye i Yerusalemu, ngo bamubaze, “bat’Uri nde?” Na we aravyatura, ntiyahisha ukuri, aravyatura, ati “Si jewe Kristo.” Baramubaza, bati “None se bimeze bite? Uri Eliya?” Ati, “Si ndi we.” Bati“uri wa muntu avugishwa n’Imana?”At’”Oya.” Baramubaza, bati “Non’uri nde” ngo tuje kwishura abadutumye? “Kuri wewe wivuga gute?” “Ati Nd’ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa, ati Nimugorore inzira y’Uhoraho, nk’uk’uwavugishijwe n’Imana Yesaya yavuze” (Yohana 1:19-23).

Yohana yaramenye ihamagarwa ryiwe arigumamwo.

Abakozi bose barakeneye kumenya ihamagarwa ryabo no kurigendera. Ur’umuvugabutumwa, ntugerageze kuba umwungere. Ur’umwigisha, ntugerageze kuba uwuvugishwa n’Imana. Ahandi ho, azoruhira kuzazanirwa.

Womenya gute ihamagarwa ryawe? Urimenya mu kurondera Umwami yaguhamagaye. Ubwa kabiri, mu gusuzuma ingabire yawe. Nimba Imana yaguhamagariye kuba umuvugabutumwa, izogushoboza gukora ico gikorwa. N’ubwa gatatu, mu kwemezwa n’abandi babona ingabire yawe.

Umaze kumenya neza ihamagarwa ryawe, utegerezwa kurigendera n’umutima wawe wose, ntiwemerere ibintu bigukura mu muhamagaro. Abantu benshi basaba Imana ikore ivyo ibategeka gukora. Nowa ntiyarindiriye kw’Imana izra kwiyubakira ubwato!

Izina ibango risobanurwa IGIKORWA. Satani azogereza kuguhuvya ntushitse ihamagarwa ryawe, ariko utegerezwa guhangana na we mu kwizera. Naho tutabona aho vyanditse, menya neza ko har’uho umusi Yohana yatangura kuvuga ubutumwa mu ntara ya Yorodani. Ikoraniro ryiwe rya mbere ryari rito ku ryakurikiye. Hari abantu bamushinyaguriye igihe yatangura kandi yarahamwe. Ariko ntiyibivuyemwo. Intumbero yiwe imwe kwar’uguhimbaza Imana yamuhamagaye. Nico catumye abandanya neza.

Ingeso ya Yohana dukwiriye gukurikiza: Kumenya umuhamagaro wawe ukuwugumamwo.

Ingeso ya Kabiri ya Yohana (John’s Second Quality)

Mur’iyo misi haza Yohana Umubatizi, yigishiriza mu bugaragwa bw’i Yudaya ati “Mwihane, kuk’ubwami bwo mw’ijuru buri hafi” (Mat. 3:1-2).

Yesu yashima cane Yohana kuko yavuga ubutumwa butahurika, nibwo butumwa Yesu yigisha (Mat. 4:17). Yohana yahamagarira abantu kwihana—kuva mu caha ukagororoka. Yameje yukw’imigenderanire n’Imana itangura igihe twihana, abatihana bazoherera i kuzimu.

Yohana ntiyigeze yemeza abantu kw’Imana ibakunda. Ntiyabwiriza abantu “abadigadiga” ngo bagire rya sengesho ryo “kwakira Yesu.” Ntiyabwira abizera kw’Imana izobajana mw’ijuru n’aho baronderera agakiza mu bikorwa vy’ivyagezwe. Yabona abantu nkukw’Imana ibabona—yababona nk’abagarariji bashorerwa ikuzimu n’ivyaha vyabo. Yarabagabishije ababwira ku burake bw’Imana buzoza. Yarabatahuje akaga barimwo kuko banes guhindura imitima n’ibikorwa vyabo.

Ingeso ya kabiri umukozi wese agira abigishwa ashobora kwigana Yohana ni: Kwigisha yuk’ukwihana ari yo nzira yo kugirirana imigenderanire n’Imana.

Ingeso ya Gatatu ya Yohana (John’s Third Quality)

Yohana uyo, imyambaro yiwe yar’iy’ubwoya bw’ingamiya, yayikenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero; indya ziwe zar’inzige n’ubuki bwo mw’ishamba (Mat.3:4)

Yohana ntiyar’afise ishusho ry’”abavuga ubutumwa bw’imihezagiro.” Umuntu nka Yohana ntiyashobora guhabwa akanya ko kwigisha mw’ishengero ry’abatunzi kukw’atagira impuzu zz’abasiguzi bagendera mu mihezagiro. Yohana, ahubwo, yar’umukozi w’Imana atarondera inyungu mbi. Ntiyarondera ubutunzi bwo kw’isi. Ntiyarondera icubahiro c’abantu mu kwambara ivy’igiciro kinini, yar’azi kw’Imana yitegereza imitima. Yabayeho yiyorohoje, kand’ingeso ziwe ntawe zatsitaza, kukw’atarondera amahera. Raba ingene ibi bihushanya n’ingeso z’abakozi benshi bo kw’isi, bakoresha ubutumwa bwiza mu kurondera inyungu zabo ubwabo. Abo bavuga Yesu ukutariko, basambura inyigisho za Kristo.

Ingeso ya gatatu yatumwe Yesu akunda Yohana ni: Kubaho ubuzima bwiyoroheje.

Ingeso ya Kane ya Yohana (John’s Fourth Quality)

Abonye [Yohana] Abafarisayo n’Abasadukayo bazanywe no kugira ngw’ababatize, arababaza, ati “Mwa bana b’inroka mwe; ni nde yababuriye ngo muhunge uburake buzoza? Nuko mwame imbuto zikwiranye no kwihana. Mwoye kuvuga muti ‘Dufise Aburahamu, ni we sogokuruza’ ndababwira yukw’aya mabuye Imana ishobora ku yavyuramwo abana ba Aburahamu” (Luka 3:7-8).

Ukw’igikorwa ca Yohana ca bandanya gushikira abantu benshi, ntiyahinduye ubutumwa. Ahubwo Yohana yageze aho yiyumvira igituma abantu baza kubatizwa ko hatob’ari kubera bakurikira abandi canke ko kubatizwa vyabaye nk’umugenzo. Abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo barafashe urugendo ruja kuri Yorodani (raba Mat. 3:7). Yatinye kw’abantu bohava bigana abandi. Yarakoze ibishoboka vyose abakure mu kageso kokwigana abandi. Ntiyashaka ko hagira umuntu yiyuvira ko kubatizwa arikwo gukizwa, canke ko kubatizwa bibuza abantu gutererwa i kuzimu. Yavuze ko kwihana bizana ivyamwa vyo kwumvira.

Ikirengeye vyose, kubera yukw’abayuda benshi bishira mu murwi w’abamaze gukizwa kuko bakomo kuri Aburahamu, Yohana yaraberetse kw’ivyo vyizerwa Atari vyo.

Ingeso ya kane yatumye Yohana ashemagizwa : Yarakunda abantu akababwira ukuri. Ntiyigeze aremesha umuntu atadashaka kwihana, nta munyavyaha yabwiye kwazoja mw’ijuru.

Ingeso ya Gatanu ya Yohana (John’s Fifth Quality)

Yohana ntiyabatiza abantu badashaka kwihana, nta muntu n’umwe yigeze gushigikira bupfu bwiwe. Yabatije abantu bemeye “kwihana ivyaha vyabo” (Mat. 3:6). Yagabishije abaza kuri ati:

Arikw’incabiti igenekerejwe ku bitsina vy’ibiti; nuko rero igiti cose kitama ivyiza kiracibwa, kigatererwa mu muriro…. Urutaro rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, azokubura imbuga yiwe neza, yimburire ingano ziwe mu kigega, maz’umuguruka awuturire mu muriro (Mat. 3:10, 12).

Yohana ntiyatinya kuvuga ukuri kubijanye n’i kuzimu, abasiguzi ntibigera babicisha mu kanwa kuko bikwegerako abantu nta mitima bashaka kugomorera mu bwami bw’Imana. Yohana ntiyatinye kubivuga nkuko na Yesu atatinye kubivuga mu nsiguro yiwe yo ku musozi—abafise imitima yejejwe nibo bazoragwa ubwami bwo mw’ijuru. Abama ibibi bazotererwa mu muriro.

Iyo Yohana aba akiriho, yari kugawa n’abakristo bamitwa “ Umusiguzi w’umuriro n’ibizuku vy’i kuzimu,” “umuvugishwa w’akaga n’ibara” “umukowi adakuyakuya abantu” canke “uwuvuga ibibi gusa,” “uwutinyisha abantu” “umunyamategeko” “cank’uwiyumvira kw’agororotse” ariko yogumye akundwa na Yesu. Ingeso yiwe ya gatanu: Ntitinye kuvuga yukw’intabarirwa zizoherera i kuzimu kandi werekane abemerewe kujamw’ijuru. Biratangaje kubona Luka yise insiguro ya Yohana “ubutumwa bwiza” (Luka 3:18).

Ingeso ya Gatandatu ya Yohana (John’s Sixth Quality)

N’aho Yohana yakoreshwa cane n’Imana akamenyekana n’abantu benshi, yaramenye kw’ataco ari co yigereranije na Yesu, aranga n’ugushira Umwami wiwe hejuru:

N’ukuri jeho ndabatiza mu mazi ngo mwihane; arik’uzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, nti bimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro (Mat. 3:11).

Raba ingene ingeso ya Yohana itandukanye n’ubwibone tubona mur’iki gihe ku biyita “abakozi b’Imana.” Ibinyamakuru vyabo vyuzuyemw’amafoto yabo ubwabo, Yesu ashirwamwo gake gashoboka. Bameze nk’imisambi imbere y’abanyeshengero babo, barondera gushimwa n’abantu gusa. Nta munyeshengero ashobora kubegera canke kubakorako, bironderera ivyubahiro vy’ubwoko bwose. Mbere bamwe basa n’abategeka Imana n’abamarayika! Ariko Yohana yivuze kw’adakwiriye no kumutwaza inkweto, ico c’umuja. Ntiyihuse yemera kkubatiza Yesu igihe yamuturukira. Amaze kumenya ko Yesu ari we Kristo, yaciye yereka abantu bose uwo bategerezwa kwumvira, amwita “Umwagazi w’intama w’Imana akura icaha c’abari mw’isi” (Yohana 1:29). “Urya akwiye gukuzwa, nanje ngirwe muto” (Yohana 3:30) yahindutse icetegerezo cacu co guca bugufi.

Iyi ni yo ngeso ya gatandatu yatumwe Yesu akunda Yohana nk’umusiguzi mwiza: Guca bugufi no gukuza Yesu. Ntugire inyota yo kwishira hejuru.

Ingeso y’Indwi ya Yohana (John’s Seventh Quality)

Abasiguzi b’iki gihe bavugira mu bwinshi kugira ntihagire uwo bakomeretsa. Urazi ingene vyoroshe kuvugira hejuru uti, “ Imana igomba ko tugira neza!” Abeza n’ababi bitabira ica rimwe bati “Amina”. Abasiguzi benshi babona kw’ari vyiza kubuza abantu gukora ivyaha bizwi n’abo mw’isi, ariko mw’ishengero bakanka kubidoma k’urutoke. Barashobora, guhagurukira icaha c’ubusambanyi, ariko ntibashobora kugabisha abakristo babo ku kaga k’ubuhumbu bwandagazwa n’amasinema y’ubushurashuzi bafise mu mazu. Ugutinya abantu vyababereye umutego mu buzima.

Hamwe n’ivyo, Yohana ntiyigeze atinya kudama urutoke ku vyaha. Luka yanditse ati:

Ishengero riramubaza “riti none tugire dute?”arabishura, “at’uwufise amapfundo abiri, rimwe n’arihe uwudafise, n’uwufise ivo kurya n’agire artyo.” Kandi haza n’abatoza kori kubatizwa, baramubaza, “bati Mwigisha, tugire dute?” arabishura, “ati Ntimugatoze abantu ibiruta ivyo mwagezwe.” N’abasoda baramubaza, “bati tweho tugire dute?” Arabishura, “ati Ntihakagire umuntu mutangisha impongano canke mwagiriza ibinyoma, kand’ingero zanyu zibabumbe” (Luka 3:10-14).

Biratangaje kubona kw’ibintu bitanu muri bitandatu Yohana yavuze bijanye n’amahera cank’ubutunzi bwo mw’isi. Yohana ntiyatinya kubwira abantu ibijanye n’ubunyabigega nk’uko tuvyigishwa mu buzima rukristo cane cane ibwirizwa rikuru rya kabiri. Yohana ntiyarindiriye imyaka myinshi kugira ngw’”abizera” bashasha bashobore “kurya amagufa”. Yar’azi ko gukorera Imana n’amahera bidashoboka, ico ni icigwa ngenderwako k’umukristo wese.

Ibi binyibukije ikindi kintu. Yohana ntiyagagamisha utuntu dutoduto, ntiyashimikira ku nyambaro cank’ibiboneshwa amaso abenshi biyumvira ko bizana ukwera. Ahubwo “yashimikira ku bintu ngirakamaro dusanga mu vyagezwe” (Mat. 23:23). Yarazi yukw’igikenewe ari ugukunda ababanyi nk’uko twikunda n’ukugirira abandi ivyo twifuza ko batugirira. Kugaburira no kwambika aboro cank’ibindi bigize ubuzima, kugiranira imigenderanire myiza n’abandi, no kubumbwa n’ivyo dufise.

Iyi ni yo ngeso y’indwi Yesu yashima kuri Yohana: Ntiyasigura mu bwinshi, ariko yaradomak’urutoke ibintu abantu bategerezwa gukora ngo bahimbare Imana, gukoresha neza ivyatwabikijwe n’Imana n’ibindi. Kandi, yitwararika ivy’igiciro.

Incamake (In Conclusion)

Igikorwa c’umwungere cank’umwigisha kirangwa n’ibintu vyinshi cane biruta ivyo bintu ndwi twabonye kuri Yohana. Yohana yabwiriza abatarihana. Abungere n’abigisha bategerezwa kwigisha abantu bamaze kwihana. Inyigisho zabo zitegerezwa kwenena ku za Yesu dusanga mu vyete bigize Isezerano rishasha.

Ingorane nyamukuru ni ukw’abantu bagerageza kwigisha abo batazi. Mur’iki gihhe turimwo, abanyavyaha bigishwa nk’abamaze kwihana. Kwicara mu masengero siko gukizwa. Ni co gituma usanga ingeso zabo zidatandukanye n’iz’abo kw’isi. Turakenye abakozi nka “Yohana Umubatizi” ngo bigishe mu mashengero yacu. Wumva wogira ico ukora? Wumva woba umwe muri bo?

To subscribe to David Servant's periodic e-teachings, click here.


Kirundi » Umusiguzi Yesu Akunda Cane (Jesus’ Favorite Preacher)

Kuvuka Ubwa Kabiri (The New Birth)

Igice c’Icumi (Chapter Ten)

Umuntu yihanye akizera Umwami Yesu Kristo, aba “avutse ubwa kabiri.” None kuvuka ubwa kabiri bisigura iki? Nivyo tugiye kubona muri iki gice.

Imbere yo kuvuga ivyo kuvuka ubwa kabiri, reka turabe kamere y’umuntu. Ivyanditswe bitubwira ko tutagizwe n’umubiri gusa, ari ko turafise n’impwemu. Akarorero, n’ivyo Paulo yanditse,

Kand’Imana nyen’amahoro ibe ari yo ibeza rwose: kand’ impwemu yanyu n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagira umugayo, ah’Umwami wacu Yesu Kristo azozira (1 Tes. 5:23, dushimikiye ku nsobanuro).

Nk’uko Paulo avyerekana, umuntu arimwo ubutatu: impwemu, ubugingo n’umubiri. Ivyanditswe ntivyerekana neza ingene ivyo bice bitandukanye, ni co gituma tugerageza kuraba itandukaniro riri hagati yavyo mu kuraba ico buri jambo risobanura. Dukunda kuvuga k’umubiri wacu ugizwe—n’inyama, amagufa, amaraso n’ibindi nk’ivyo. Ubugingo bwacu nibwo bwenge n’ukwiyumvamwo kw’umuntu (cank’ibigumbagumba)—ivyiyumviro vyacu. Impwemu yacu ni bwo bugingo. Intumwa Petero yayise, “umuntu w’imbere” (1 Pet. 3:4).

Kukw’impwemu itaboneka n’amaso y’umubiri, har’abantu bavuga kw’itabaho. Bibiliya iravuga neza ko dufise impwemu. Umuntu apfuye, umubiri wiwe gusa ni wo uhagarika ibikorwa, impwemu n’ubugingo bwiwe birabanya kubaho no gukora ukuri kwamye. Igihe c’urupfu, vyompi biva mu mubiri kugira bihagarare mu rubanza rw’Imana (raba Heb. 9:27). Inyuma y’urubanza, bija mu muriro canke mw’ijuru. Impwemu n’ubugingo bw’umuntu wese bizosubizwa mu mubiri wiwe igihe c’izuka.

Gusobanura Impwemu y’Umuntu (The Human Spirit More Defined)

Muri 1Petero 3:4, impwemu yitwa “umuntu ahishijwe.” Bisigura kw’impwemu ari yo muntu. Paulo na we, impwemu yayise “umuntu w’imbere.” Bisigura kw’impwemu atar’ikomezi kanana gusa, ahubwo ni umuntu:

Ni co gituma tutihebura; ariko, n’ah’ umuntu wacu wo kurukoba arikw’arabora, umuntu wacu w’imbere aguma ahinduka musha uko bukeye (2 Kor. 4:16, dushimikiye ku nsobanuro).

“Umuntu wacu wo kurukoba” ni umubiri wacu, “umuntu wacu w’imbere” ni impwemu yacu. N’aho umubiri usaza, impwemu yama igirwa nsha.

Menya kandi ko Paulo avuga umubiri n’impwemu nk’abantu. Tukwiriye kubona impwemu yawe nk’igicu. Menya kw’ari umuntu asa n’uwo ubona igihe wibona mu cirore. Umubiri wawe ushaje, ntiwiyumvire kw’impwemu yawe iba ishaje. Iyumvire ingene wasa ukiri umuyabaga ni kw’impwemu imeze kuko itigeze isaza! Igirwa nsha uko bukeye.

Impwemu yawe ni co gice kivuka ubwa kabiri muri wewe (nimba wizeye Umwami Yesu). Impwemu yawe ifatanya n’Impwemu y’Imana (raba 1Kor. 6:17). Iyo mpwemu y’Imana ni yo ikuyobora mu buzima bwo gukurikira Yesu (raba Rom. 10:14).

Bibiliya yigisha kw’Imana ari Mpwemu (raba Yohana 4:24), abamarayika n’abadayimoni nk’uko nyene. Bose bagira ishusho kandi baba mw’isi yo muri mpwemu. Isi yo muri mpwemu, rero, ntidushobora kuyibona canke kuyitahura mur’uyu mubiri wacu. Kugerageza kuba mw’isi yo muri mpwemu kandi uri mu mubiri ni nko kurondera gufata umuntu avugira mw’iradiyo yawe. Ntidushobora gukora canke kubona uwuvugira mw’iradiyo yacu, ariko ntibisigura kw’ata muntu arikw’avugira mw’iradiyo. Inzira iriho gusa ni kuja kw’isamirizi ukamuramutsa imbona nkubone.

Ni ko bimeze no mw’isi ya mpwemu. Ntidushobora kuvuga kw’isi ya mpwemu itariho kubera yuko tudashobora kuyibonesha amaso canke kuyikorako. Iriho, abantu bavyemera canke bavyanka, bari mw’isi ya mpwemu kukw’ari ivyaremwe vyo muri mpwemu. Barashobora kuba ab’impwemu zifitanije na Satani (igihe badashaka kwihana) canke zifatanije n’Imana (igihe bamaze kuvuka ubwa kabiri. Har’abanyamareba n’abandi basenga ibintazi bamaze kumenya ingene binjira mur’iyo si mugokoresha impwemu zabo, arikw’iyo si bajamwo ni ubwamiu bwa Satani—ubwami bw’umwiza.

Imibiri Ihoraho (Eternal Bodies)

Tukiri kur’iyi nyigisho, reka ngire ico mvuga ku mibiri yacu. N’aho izopfa umusi umwe, urwo rupfu ntiruzokwamaho. Har’umusi Imana ubwayo izozura umubiri w’umuntu wese yapfuye. Yesu aravuga ati:

Ntimutangazwe n’ico; kukw’igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, bakazivamwo; abakoze ivyiza bakazukira ubugingo, abakoze ibibi bakazukira gucirwakw’iteka (Yohana 5:28-29).

Intumwa Yohana yanditse mu gitabo c’ivyahishuriwe yukw’izuka ry’imibiri y’abagabitanya rizoba inyuma y’imyaka igihimbi imibiri y’abagororotsi yarazutse:

Kandimbona ubugingo bw’abaciwe amazosi [abera bishwe mw’ihamwa], babahora gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batasenze ca gikoko cank’igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza imyaka igihumbi. Abapfuye bandi ntibaba bazima iyo myaka igihumbi itarashira. Ukwo ni kwo kuzuka kwa mbere.

[1]

Uwuri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere, arahiriwe kandi n’uwera…bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazofatanya na we kuganza, iyo myaka igihumbi (Ivyah. 20:4b-6).

Bibiliya ivuga kw’igihe Yesu azogaruka gutora ishengero, imibiri y’abagororotsi bose bazoba barapfuye izozurwa isubizwemwo impwemu n’ubugingo bwabo igihe bazoba bagarukanye na Kristo kuganza isi:

Uko twizera yuko Yesu yapfuye akazuka, abe ari ko twizera yukw’abasinziriye muri Yesu, Imana izobazanana na we. Iki ni co tubabwira, n’ijambo ry’Umwami twashikirijwe, yuko twebwe abazoba bakiriho, dusigaye gushitsa ku kuza kw’Umwami wacu, tutazokwitangira imbere y’abasinziriye na gatoya. Kuk’Umwami wacu ubwiwe azoza, amanutse avuye mw’ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana. Maz’abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka; maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzocaduteruranwa na we mu bicu, dusanganire Umwami mu kirere. Ni ho tuzokwama tubana n’Umwami. Nuko mwiruranishe ayo majambo (1 Tes. 4:14-17).

Imana yaremye umuntu wa mbere mu mukungugu w’isi, ntakibazo bizomutera gufata ibigize umubiri wa buri muntu no kuwurema ubugira kandi mu mubiri mushasha akoresheje vya bikoresho vya mbere.

Ku vyerekeye izuka ry’imibiri yacu, Paulo yanditse ati:

Nikw’izuka ry’abapfuye rizoba: habibwa ikibora hakazurwa ikitabora; habibwa igikengerwa hakazurwa ic’icubahiro; habibwa ikinyantegenke hakazurwa ic’ inkomezi; habibwa umubiri w’inyama hakazurwa umubiri w’impwemu. Asangwa harih’umubiri w’inyama hariho n’uw’impwemu…..Ariko bene Data, ico mvuga n’iki, yukw’ab’inyama n’amaraso badashobora kuragwa ubwami bw’Imana, kand’ibibora bitaragwa ibitabora. Ehe, ndababarire akabanga: Ntituzosinzira [gupfa] twese, ariko twese tuzohindurwa, mu kanya gato, mu kanya nk’ako gukubita ingohe, ah’inzamba y’iherezo izovuga, abapfuye bakazurwa batagishobora kubora, natwe tuzohindurwa. Kuk’uyu mubiri ubora ukwiye kwambara ukutabora, kand’uyu mubiri upfa ukwiye kuzokwambara ukudapfa (1 Kor. 15:42-44a, 50-53).

Menya kw’ikizoranga iyo mibiri yacu ari ukadapfa no kubaho ibihe bidashira. Ntizokwigera isaza, irwara, canke ngw’ipfe ukundi! Imibiri yacu mishasha izomera nka wa mubiri Yesu yambara amaze kuzuka mu bapfuye:

Tweho i wacu ni mw’ijuru, ni ho twiteze Umukiza kw’azova, ni we Mwami Yesu Kristo, azohingura imibiri y’ubufafara bwacu, ishushanye n’umubiri w’ubwiza bwiwe, nkukw’afise ubushobozi bumubashisha kwigandurira vyose (Flp. 3:20-21, twashimikiye ku nsobanuro).

Intumwa Yohana yemeje uku kuri mur’aya majambo:

Abo nkunda, none tur’abana b’Imana; arik’uko tuzomera ntikurahishurwa; ico tuzi, n’uko Yesu niyahishurwa tuzosa na we, kuko tuzomuraba ukw’ari (1 Yohana 3:2, dushimikiye ku nsobanuro).

N’ah’ubwenge bwacu budashobora kubitahura vyose, turashobora kuvyizera no kwizera ivyo tubikiwe muri kazoza!

[2]

 

Yesu Ku Vyo Kuvuka Ubwa Kabiri (Jesus on the New Birth)

Yesu yigeze kubwira umurongozi wo mu bayuda yitwa Nikodemo kw’impwemu y’umuntu itegerezwa kuvuka ubwa kabiri biciye mu gikorwa ca Mpwemu Yera:

Yesu aramwishura [Nikodemo], ati “N’ukuri, n’ukuri ndakubwire: Iy’umuntu atavyawe ubwa kabiri, ntashobora kubona ubwami bw’Imana.” Nikodemo aramubaza, ati “Umuntu ashobora ate kuvyarwa ashaje? Mbega yoshobora gusubira mu nda ya nyina akavuka?” Yesu aramwishura, ati “N’ukuri, n’ukuri ndakubwire: Iy’umuntu atavyawe n’amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bwami bw’Imana. Ikivyawe n’umubiri na co n’umubiri; ikivyawe na Mpwemu na co n’impwemu. Ntutangazwe n’uko nkubwiye, nti ‘Murakwiye kuvyarwa ubwa kabiri’” (Yohana 3:3-7).

Nikodemu yiyumviriye ko Yesu avuze ivy’ukuvuka ubwa kabiri mu mubiri kugira ngo yinjire mu bwami bw’Imana. Yesu yaciye asobanura yukw’ar’ukuvuka ubwa kabiri mu mpwemu. Impwemu y’umuntu itegerezwa kuvyarwa ubugira kabiri.

Igituma dukeneye kuvuka ubwa kabiri n’uko impwemu zacu zanyengetereyemwo ibibi, kameremere k’icaha. Ako kameremere k’icaha kitwa urupfu muri Bibiliya. Urwo rupfu turwita urupfu rwo mu mpwemu kugira ngo turutandukanye n’urupfu rw’umubiri (ari h’umubiri utaba ugikora ukundi).

Gusobanura Urupfu rwo mu Mpwemu (Spiritual Death Defined)

Paulo yarasobanuye icitwa gupfa mu mpwemu mu banyefeso 2:1-3:

Namwe yarabagize bazima, hamwe mwari mwarapfuye mwishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyanyu, ivyo mwagenderamwo kera, nkukw’ivy’iyi si bigenda, mwumvira umwami wabaganza ikirere, ni we mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa. Kandi natwe twese twahora muri bo kera mu kwifuza kw’imibiri yacu, tugakora ivy’imibiri n’imitima vyacu bigomba, kandi mu kameremere kacu twar’abo kurakirwa, nk’abandi bose (dushimikira ku nsobanuro).

Paulo ntiyarikw’avuga ku rupfu rw’umubiri kuko yarikw’abwira abantu bakiriho. Yavuze ko “bari bishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyabo.” Icaha ni co gicira inzira urupfu mu mpwemu (raba Rom. 5:12). Gupfa mu mpwemu ni ukugira kameremere k’icaha mu mpwemu yawe. Paulo yavuze yuko “mu kameremere kacu twar’abana bo kurakirwa.”

Gupfa mu mpwemu, bisigura kugira kameremere ka Satani mu mpwemu yawe. Paulo yavuze yukw’abapfuye mu mpwemu bafise muri bo impwemu y’“umwami w’abaganza ikirere” akorera muri bo. “umwami w’abaganza ikirere” ni wa Mubi (raba Ef. 6:12), kand’impwemu yiwe ikorera mu batarakizwa bose.

Yesu, abwira abayuda bataravuka ubwa kabiri ati,

Mwebwe mur’aba so wa Murwanizi, kand’ivyo so yifuza ni vyo vyo mushaka gukora. Uyo yahereye ubwa mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw’ata kuri kuri muri we. Iy’avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw’ar’umunyabinyoma, kand’ari we se wavyo (Yohana 8:44).

Abataravuka ubwa kabiri ntibafise kamere ka Satani gusa mu mpwemu zabo, ariko kandi Satani ni we se mu mpwemu. Bama bakora nka wa mubi. Ni abicanyi n’abanyabinyoma.

Abadakijijwe bose ntibicana, ariko bose bakoreshwa na wa mutima w’abicanyi, kand’akaryo kabonetse barashobora kwica. Gushinga amategeko adahana icaha co gukorora inda mu bihugu bitandukanye vyerekana ivyo nariko ndavuga. Abadakijijwe bica n’inzoya zitaravuka.

Ni co gituma impwemu y’umuntu itegerezwa kuvuka ubwa kabiri. Igihe umuntu avutse ubwa kabiri, kamere ka Satani karakurwa mu mutima wiwe kagasubirizwa na kamere k’Imana. Si“ikiziga mu mpwemu” aba agizwe “muzima mu mpwemu.” Impwemu yiwe ntiba igipfuye arikw’iba nzima mu Mana. Ntaba akiri umwana wa Satani mu mpwemu, amaze guhinduka umwana w’Imana mu mpwemu.

Guhindura Ntigusubirira Ukuvuka ubwa Kabiri

(Reformation is No Substitute for Regeneration)

Kubera yukw’abantu badakijijwe baba bapfuye mu mpwemu, ntibashobora gukizwa igihe bagerageje guhindura ingeso. Uwudakijijwe wese akeneye kamere nshasha, s’ibikorwa bishasha vyo hanze. Urashobora gufata ingurube, ukayoza neza, ukayisiga, ukayambika n’ikaruvati yera kw’izosi, ariko uramenya kw’iguma ari ingurube! Kamere kayo kaguma uko kamye. Kandi ntirishobora kurenga itaravayanga ivyondo ikanuka nabi .

Ni ko bimeze no kubanyadini badashaka kuvuka ubwa kabiri. Barashobora kwiyuhagira hanze, arikw’imbere buzuyemw’ibibi bitagira izina. Yesu yabwiye bamwe muri bo ati,

Muzobona ibara, mwebw’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwoza igikombe n’inkoko inyuma, arikw’imbere vyuzuye ubwambuzi n’ukutigarura. Wa Mufarisayo uhumye we, banza woze imbere mu gikombe no mu nkoko, inyuma havyo na ho habone kwera. Muzobona ibara, mwebwe abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko musa n’imva zihomeshejwe ingwa, ziboneka inyuma zikuyengeje, arikw’imbere zuzuye amagufa y’abapfuye n’ibihumanya vyose (Mat. 23:25-28).

Ayo majambo ya Yesu yerekana ishusho ry’abanyedini badashaka kuvuka ubwa kabiri. Kuvuka ubwa kabiri gusa nivyo bishobora kwoza imbere n’inyuma mu muntu.

Ubugingo Bumera Guta Igihe Impwemu Ivutse Ubwa Kabiri?

(What Happens to the Soul When the Spirit is Reborn?)

Igihe umuntu avutse ubwa kabiri, ubugingo bwiwe ntibukorwako (kiretse kw’amenya yuko yafashe ingingo yo gukurikira Yesu). Hari ikintu Imana idutegeka gukora mu bugingo bwacu igihe tubaye abana bayo. Ubugingo bwacu (ubwenge) butegerezwa kugirwa busha. Dutegerezwa kwiyumvira nkukw’Imana yiyumvira. Uko ubwenge bwacy buhinduka nikw’ibikorwa vyacu bihinduka, tugenda dusa na Yesu:

Ntimushushanywe n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose (Rom. 12:2, dushimikiye ku nsobanuro).

Yakobo nawe yaravuze kur’iryo hinduka riba mu bugingo bw’uwizera:

Mwakirane uburwaneza ijambo ritewe muri mwebwe, rishobora gukiza ubugingo bwanyu (Yak. 1:21b).

Yakobo yandikiye Abakristo—abantu bamaze kuvuka ubwa kabiri mu mpwemu zabo. Ariko bari bakeneye guhindura ubugingo bwabo. Ivyo bishoboka gusa igihe bakiriye “ijambo ryatewe muri bo.” Ni co gituma abizera bategerezwa kwigishwa ijambo ry’Imana.

Ibisigarira vya Kamere ka Kera (The Residue of the Old Nature)

Amaze kuvuka ubwa kabiri, umukristo yisanga afise kamere zibiri. Paulo yavyise intambara y’”impwemu n’umubiri”:

Kukw’akameremere kifuza ivyo Mpwemu yanka, kandi Mpwemu yifuza ivy’akameremere kanka: kukw’ivyo bihiganwa, ngo ntimukore ivyo mugomba (Gal. 5:17).

Ibisigarira vya kameremere ka kera Paulo avyita “umubiri.” Izo kameremere zibiri muri twebwe zizana ukwifuza gutandukanye, igihe tuzumviye, turonka ubugingo canke urupfu. Turabe iyo ntambara Paulo avuga hagati y’”ibikorwa vy’umubiri” n’”ibikorwa vya Mpwemu”:

Kand’ibikorwa vy’akameremere kacu biramenyekana, n’ibi: ubushakanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke, gusenga ibigirwamana, uburozi, ubwansi, itonganya, ishari, uburake, ikeba, kwitandukanya, ibice, igono, kuborerwa, kudandahirwa, n’ibindi ben’ivyo. Ivyo ndabibaburiye, nkuko nabibaburiye kera, yukw’abakora ibisa birtyo batazoragwa ubwami bw’Imana. Arikw’ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, uburwaneza, ukwirinda, ibimeze birtyo nta vyagezwe bibibuza (Gal. 5:19-23).

Abakristo barashobora kuganzwa na kameremere; iyo bitamera gurtyo Paulo ntiyari kubagabisha ababwira kw’igihe bakoze ibikorwa vy’umubiri badashobora kuragwa ubwami bw’Imana. Yanditse ivya kamere zibiri zitandukanye mukristo wese agira avuga no kungaruka mbi zokugendera mu bikorwa vy’umubiri:

Bisanzwe Kristo ari muri mwebwe, umubiri uba upfuye kubw’icaha, arikw’impwemu yanyu ni nzima kubwo kugororoka….None rero, bene Data, turi n’umwenda, atar’uw’akameremere kacu, ngo twitondera ivyako—kuko namba mwitondera ivy’akameremere kanyu, ntimuzobura gupfa: ariko ni mwica ivy’umubiri ukora, muvyicisha impwemu, muzobaho (Rom. 8:10, 12-14,dushimikiye ku nsobanuro).

Iyi ni mpanuro ku bakristo. Kubaho (bisigura kugendera mu buzima kanaka) muri kameremere bizana urupfu. Aha Paulo yarikw’avuga ku rupfu rwo mu mpwemu, kuk’umuntu wese ategerezwa gupfa mu mubiri, n’abakristo “n’aho boba balaze kwica ibikorwa vya kameremere k’umubiri.”

Paulo yavuze k’umukristo ashobora kugwa mu caha ; bishitse agakora ico caha, nta mahoro agira shiti yihanye. Umuntu wese yatura icaha ciwe agasaba Imana ikigongwe, iramuharira (raba 1Yohana 1:9).

Igihe umukristo acumuye, ntibisigura k’ ubucuti bwiwe n’Imana bukuweho—aba atosekaje imigenderanire yiwe n’Imana. Aguma ari umwana w’Imana, ariko ni umwana w’umugarariji. Igihe uwizera adashaka kwatura icaha ciwe, aba yishize mu gihano c’Umwami.

Intambara (The War)

Wumva muri wewe ugomba gukora ikintu uzi kw’ari kibi, menya yukw’ari “ukwifuza kw’umubiri.” Nta nkeka, igihe ugeragejwe na kameremere k’umubiri ukore icaha, wumva har’ikintu imbere muri wewe kikubuza, ni “Mpwemu.” Kandi igihe umenye kw’ivyo wumva muri wewe bikubuza gukora ico caha, uba utahuye ijwi ry’impwemu yawe, ari ryo twita “ijwi ryo mu mutima.”

Imana yaramenye cane yuko kameremere kacu kazodukwegera mu caha. N’aho bimeze gurtyo ntidushobora kujana narwo ngo tugendere mu vy’umubiri ushaka. Imana ishaka ko tugendera mu kuyumvira no guca bugufi tukanesha kameremere k’imibiri yacu:

Ndavuga nti ni mugendeshwe na Mpwemu, ni ho mutazoshitsa ivy’akameremere kanyu kifuza (Gal. 5:16).

Ntamangetengete yoshoboza umuntu kunesha umubiri. Paulo yavuze ko “tugendeshwa na Mpwemu” ni ho “tudashitsa ivy’akameremere kacu kifuza”(Gal. 5:16). Nta mukristo afise ubuntu busumba abandi. Kugendeshwa na Mpwemu ni ingingo umuntu wese ategerezwa gufata. Ukwihebera Imana kwacu kugaragara igihe tutagendera muri kameremere k’imibiri yacu.

Paulo asubira kwandika ati:

Kand’aba Kristo Yesu babambanye akameremere kabo n’ivyo gahahamiye n’ivyo kifuza (Gal. 5:24).

Paulo avuga kw’aba Kristo babamvye (muri kahise) kameremere kabo. Ivyo biba igihe twihanye tukizera Umwami Yesu Kristo. Twarabamvye kamere k’icaha, duhitamwo kwumvira Imana no kurwanya icaha. Kubamba akameremere kacu s’ikigoye, kukagumiza ku mambo ni co kibazo.

Ntivyoroshe kugumiza akameremere kacu ku mambo, ari ko birashoboka. Igihe twemeye uburongozi bw’umuntu wacu w’imbere tukanka kugendeshwa n’ivy’umubiri uhahamira, ni ho tugaragaza ubugingo bwa Kristo kuko tugendera mu kwera.

Kamere k’Impwemu Yavutse ubwa Kabiri (The Nature of our Recreated Spirits)

Har’ijambo rimwe rivuga neza kamere y’impwemu zacu zavutse ubwa kabiri, na ryo ni Kristo. Mpwemu Yeare afise kamere ka Kristo, igihe tumuhaye ikibanza muri twebwe tuba dufise kamere ka Yesu. Paulo yanditse ati, “Yamara si jewe nkiriho ni Kristo ari ho muri jewe” (Gal. 2:20).

Kuko dufise inkomezi na kamere kiwe muri twebwe, turakwije ibisabwa abari muri Kristo. Ntidukeneye urukundo, ukwihangana, cank’ukwirinda kwinshi—muri twebwe dufise Umuntu yuzuye urukundo, kwihangana, no kwirinda! Ico dukeneye kugira gusa ni kumwemerera kuba muri twebwe.

Twese dufise umwansi umwe arwanya kamere ka Kristo, akabuza kugaragara muri twebwe; kand’uyo mwansi ni kameremere kacu. Ni co gituma Paulo yavuze yuko tubamba akameremere kacu. Ni igikorwa cacu kubamba kameremere kacu. Kurindira ko bikorwa n’Imana ni ukwiruhiriza ubusa. Paulo, na we nyene, yarafise ingorane na kameremere kiwe, ariko yarahisemwo kukanesha:

Kandi ndwanya umubiri wanje, nkawuhindura umuja, kugira ngo kumbure maze kwigisha abandi, nanje ubwanje sinze mboneke ko ntemewe (1 Kor. 9:27).

Utegerezwa guhindura umubiri umuja w’impwemu yawe ushaka kugendeshwa na Mpwemu mu Mwami. Birashoboka!

 


[1]

Kubera yuko Yohana avuga ngw’ “iri ni ryo zuka rya mbere,” bituma twizera kw’atarindi zuka rizoba imbere y’iri. Kubera ko riba inyuma y’ihamwa rikuru igihe Yesu azogaruka, birahushana n’iciyumviro c’iduzwa mw’ijuru imbere y’ihamwa, kuko tuzi yuko hazoba izuka rya benshi igihe Yesu azogaruka mu bicu gutora ishengero nkuko biri muri 1 Tes. 4:13-17. Tuzobibona neza mu gice citiriwe Ibihe vy’Iherezo.

[2]

Izindi nyigisho kuvy’izuka, raba Dan. 12:1-2; Yohana 11:23-26; Ivyak. 24:14-15; 1 Kor. 15:1-57.

To subscribe to David Servant's periodic e-teachings, click here.


Kirundi » Kuvuka Ubwa Kabiri (The New Birth)

Gusobanura Bibiliya (Biblical Interpretation)

Igice c’Indwi (Chapter Seven)

Paulo yandikiye Timoteyo ati:

Wirinde ubwawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko ni wagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumva (1 Tim. 4:16, hashimikiwe ku nsobanuro).

Umukozi wese ategerezwa kuzirikana iyi mpanuro, aririnda ubwiwe, akaba icitegerezo c’ukwezwa.

Ubwa kabiri, ategerezwa kwiyubara ku vyo yigisha. Ugushishikara mu gakiza kwiwe n’ukw’abantu bamwumviriza gushingiye ku vyo yigisha nk’uko Paulo yavyanditse mu murongo duhejeje gusoma.

[1]

Iyo umukozi akebereje mu nyigisho z’ibinyoma ntabe acigisha abantu ukuri kw’ijambo ry’Imana, ashira mu kaga abantu bamwumviriza.

Nta citwazo na kimwe umukozi agira abigishwa yogira ngo yigishe inyigisho z’ibinyoma. Imana yaramuhaye Mpwemu Yera n’Ijambo Ryayo bimuyoborere mu kuri. Abakozi bafise intumbero mbi ntibitaho kwiga ijambo ry’Imana. Bishinga kwigana inyigisho z’agaharawe zituma bacokera mu vyizerwa bizimiza n’inyigisho z’ibinyoma. Ikintu cotuma adacokerayo ni ukweza umutima wiwe, akemezwa neza kw’intumbero yiwe ari uguhimbaza Imana (1) n’ugufasha abantu (2) ngo bitegurire guhagarara imbere ya Yesu, si ukwironderera amatungo, kuba agahambaye na rurangiranwa. Ategerezwa kwiga ijambo ry’Imana mu bwitonzi nta ngere ashobore gutahura neza ivyo yigisha adacisha ku ruhande. Paulo yongera kwandikira Timoteyo ati,

Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwumaze kurama, umukozi atarinda guteterwa, aramiriza neza mw’ijambo ry’ukuri (2 Tim. 2:15).

Gusoma, kwiga no kwumvira ijambo ry’Imana ni wo mwitwarariko w’umukozi. Mpwemu Yera arushiriza kumutahuza ijambo ry’Imana ukw’ashishikara aryiyigisha, ni vyo bimweza, bitumwe n’ukw’“afise ijambo ry’ukuri kandi arigendera.” Imwe mu ngorane z’ishengero ry’iki gihe ni ukw’abakozi benshi basobanura ijambo ry’Imana ukutariko, abumvira inyigisho zabo bagahenebera. Ni co gituma Yakobo yagabishije abantu, ati

Bene Data, muri mwebwe ntihakabe benshi barondera kuba abigisha: murazi ko tuzocirwa urubanza ruruta iz’abandi (Yak. 3:1).

Ni co gituma umukozi agira abigishwa ategerezwa kumenya gusobanura neza ijambo ry’Imana, atahure kandi yigishe neza inyigisho iri mu canditswe cose.

Gusobanura neza ijambo ry’Imana ni co kimwe n’ugusobanura neza amajambo yavuzwe n’uwundi muntu. Ico gikorwa ntikirangwa n’ugutahura gusa amajambo yanditswe canke yasiguwe n’uwundi muntu, harimwo ivyitonderwa igihe usobanura, ayo mategeko ni yo atuma abantu batahura ivyo wasobanuye. Mur’iki gice, turaraba ivyitonderwa bikuru-bikuru bitatu igihe usobanura Bibiliya. Ivyo na vyo ni (1) Gusoma ugatahura, (2) Gusoma witondera ibivugwa mu bindi bice, no (3) Gusoma utagira aho uhengamiye.

Icitonderwa #1: Soma utahure. Sobanura nk’uko vyanditswe kiretse umugani n’imvugo ngereranyo.

Ivyanditswe, nk’izindi nyanditko zose, vyuzuyemwo imigani myinshi, harimwo imvugo ngereranyo, imvugo ndenzarugero n’imvugo isanisha abantu n’ibintu cank’ibikoko. Ivyo vyose bitegerezwa kwitwararikwa igihe usobanura.

Imvugo ngereranyo igereranya ibintu bibiri bidasa. Ivyanditswe vyuzuyemwo imvugo ngereranyo. Hari akarorero kamwe dusanga mu majambo ya Yesu atanguza ingaburo Yera :

Bariko bararya, Yesu yabira umutsima, awuhezagiye arawumanyagura, awuha abigishwa, ati “Ni mwabire, murye, uyu ni umubiri wanje.” Yabira igikombe, agishimira Imana, arakibaha, ati “Ni mukinywereko mwese, kukw’iki ar’amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi ngo baharirwe ivyaha” (Mat. 26:26-28).

Mbega Yesu yabwiye abigishwa biwe k’umutsima abahaye ari umubiri wiwe nya mubiri cank’umuvinyu ari amaraso yiwe nya maraso? Inyishu ubwenge bwacu butanga ni Oya. Ivyanditswe bivugako yabahaye umutsima n’umuvinyu, nta hantu na hamwe herekana ko vyahindutse, n’umubiri n’amaraso yiwe ntivyigeze guhinduka. Kandi Petero canke Yohana, bahawe iyo ngaburo y’Umwami kuri uyo musi, ntaho bigeze bandika mu vyete vyabo k’umutsima n’umuvinyu vyaciye bihunduka umubiri n’amaraso ya Yesu, nta hantu na hamwe abigishwa biwe biswe ba nangayivuza!

Hari abavuga ngo, “Yesu yavuze k’umutsima n’umuvinyu ari umubiri n’amaraso yiwe, nizera amajambo Yesu yivugiye ubwiwe!”

Ibukako Yesu yavuzeko ari irembo (raba Yohana 10:9). Wokwemezako Yesu yahindutse irembo nya rembo rifise imyugarizo? Mbega ko Yesu yiyise umuzabibu natwe atwita amashami (raba Yohana 15:5), wovugako yahindutse igiti c’uruzabibu koko? Mbega natwe turi amashami nya mashami y’uryo ruzababu? Yesu yiyise umuco w’isi n’umukate uva mw’ijuru (raba Yohana 9:5; 6:41). Wovugako Yesu ari umuco ukomoka ku zuba n’akamanyu k’umutsima?

Ayo majambo yose yitwa imvugo ngereranyo, ni imvugo igereranya ibintu bidasa ariko bifitaniye isano kanaka. Ni co gituma Yesu agereranywa n’irembo n’uruzabibu. Amajambo Yesu yavuze igihe yatanguza Ingaburo Yera ni imvugo ngereranyo. Umuvinyu ugereranywa n’amaraso yiwe (ku rugero kanaka). Umutsima ukagereranywa n’ umubiri wiwe (ku rugero kanaka).

Imigani ya Kristo (Christ’s Parables)

Imigani ya Kristo ni uturorero, iratandukanye gatoya n’imvugongereranyo kuko uturorero dukoresha utujambo nka, ni canke niho. Intumbero y’uturorero ni ugushigikira inyigisho kanaka mu kugereranya ibintu bidafitaniye isano. Kwibuka ivyo ni ngirakamaro igihe dusobanura; turashobora kuzimira igihe tugomba kurondera insiguro y’akantu kose kavuga mu mugani wose. Imvugo ngereranyo n’uturorero bigira aho bigarukira. Akarorero, mbwiye umukenyezi wanje nti, “Amaso yawe asa n’ikiyaga,” mba mvuze kw’amaso yiwe asa n’ubururu, atuje kandi akwega umutima wanje. Simba mvuzeko arimw’ifi, kw’inyoti zishobora kuyakirikimbiramwo, kw’akimirana igihe c’igikonyozi.

Reka turabe imigani itatu ishigikira ivyo navuze vyose, usanga ari uturorero gusa, uwa mbere ni umugani w’urusenga:

Kand’ubwami bwo mw’ijuru busa n’urusenga runiniya rwaterewe mu kiyaga, rukoranya ifi z’amoko yose. Rwuzuye, barukwegera i musozi, baricara bararobanura nziza mu gisangaza, mbi barazita. Uko ni ko bizoba ku muhero w’isi. Abamarayika bazoza, barobanure ababi mu bagororotsi, babaterere mw’itanure ry’umuriro; ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo (Mat. 13:47-50).

Mbega ubwami bw’Imana ni urusenga runiniya koko? Namba na gato! Biratandukanye cane n’aho bifatiniye isano ritoya. Nku’kw’ifi zirobanurwamwo kubiri, izikenewe n’izida-kenewe igihe zikurwa mu rusenga, ni ko bimeze no mu bwami bw’Imana. Umusi umwe ababi n’abagororotsi bazotandukanywa n’aho basanzwe babana kuri iyi si. Ni ho akarorero kagarukira. Ifi ntizitambuka, abantu baratambuka. Umurovyi ni we ararobanura ifi. Abamarayika ni bo bazorobanura ababi mu bagororotsi. Ifi zitandukanywa ku buryohe bwazo iyo zitetse. Abantu batandukanywa ku kwumvira Imana kwabo. Ifi nziza zishirwa mu bisangaza ifi mbi zikajugunywa. Abagororotsi baragwa ubwami bw’Imana ababi bagatererwa i kuzimu.

Uyu mugani werekana ingene imvugo ngereranyo n’uturorero bidahagije mu kugereranya ibintu bidasa. Ntidukwiye kwiyumvirako ukudasa gushobora guhinduka ugususa. Turazi twese kw’“ifi nziza” zitekwa ku muriro, “ifi mbi” zisubizwa mu mazi zikamarayo uwundi musi. Si vyo Yesu yashaka kwigisha! Intumbero yiwe ni iyindi.

Uyu mugani ntiwigisha (n’aho umuntu ashobora kubisobanuro uko avyishakiye) ubuhinga bwo “kurobesha urusenga”. Ubwo buhinga burobera abantu bose mw’ishe-ngero, abeza n’ababi, abashaka n’abadashaka gukurikira Umwami! Uyu mugani ntuvugako ubutumwa butegerezwa kuvugirwa i musozi. Uyu mugani ntiwemezako ishengero rizoduzwa mw’ijuru ihamwa riheze. Uyu mugani ntiwigisha ko har’abantu baremewe gukizwa n’abaremewe guhona kukw’ifi zarobanuwe ataco zibanje gukora nk’uko tubibona mur’uyu mugani. Ntuhumanye imigani ya Yesu n’insobanuro mbi!

Kwama Twiteguye (Remaining Ready)

Nguy’uwundi mugani wa Yesu usa n’uwa mbere, umugani w’inkumi cumi:

Ico gihe ubwami bwo mw’ijuru buzosa n’inkumi cumi, zazanye amatara yazo, zija gusanganira umukwe. Batanu muri bo bar’ibijuju, bandi batanu bar’abanyabwenge. Kuko vya bijuju, mu kujana amatara yavyo, bitajanye n’amavuta. Arikw’ abanya- bwenge bo, bajanye n’amavuta mu macupa yabo hamwe n’amatara yabo. Umukwe agitebaganye bose barahunyiza, barasinzira. Mu gicugu humvikana urwamo, ngo, “Nguyu umukwe! Ni musohoke mumusanganire.” Buno za nkumi zose zirazanza-muka, zitunganya amatara yazo. Vya bijuju bibwira abanyabwenge, biti “Ni muduhe se ku mavuta yanyu, kukw’amatara yacu arikw’arazima.” Arikw’abanyabwenge barabishura, “kumbure Ntiyodwikira twese: ivyiza ni muje ku badandaza mwigu-rire.” Bakigiye kugura umukwe arashika, abiteguye binjirana na we mu bukwe, urugi rurugarwa. Mu nyuma za nkumi zindi na zo ziraza, ziti, “Mupfasoni, mupfasoni, n’utwugururire.” Na we arabishura, ati “Ndababwire ukuri: Simbazi.” Nuko mwame mugavye kuko mutazi umusi canke isaha (Mat. 25:1-13).

Inyigisho ya mbere iri mur’uyu mugani ni iyihe? Tuyisanga mu ryungane rihereza: Mwame mugavye, umusi azogarukirako urashobora guteba kuruta uko mwiyumvira. Inyigisho ngiyo.

Nk’uko nabivuze mu bice biheruka, uyu mugani Yesu yawubwiye bamwe mu bigishwa biwe (raba Mat. 24:3; Mariko 13:3), bamukurikira mur’ico gihe. Bisigura ko Petero, Yakobo, Yohana na Ndereya bashobora gusangwa batiteguye igihe co kugaruka kwa Yesu. Ni co catumye Yesu abagabisha. Uyu mugani wigisha ko batanu gusa ni bo biteguriye kugaruka kwa Yesu. Izo nkumi cumi zose zariziteguye ku ntango, ariko zitanu muri zo ntiziteguye neza. Iyo Umukwe agaruka vuba, za nkumi zose cumi zarikwinjira mu bukwe.

None inkumi zitanu z’ibijuju na zitanu ziciye ubwenge zitwigisha iki? Mbega bisigurako icakabiri c’abizera ni co kizoba kikirindiriye ukugaruka kwa Kristo? Oya si vyo na gato.

Amavuta asobanura iki? Asobanura Mpwemu Yera? Oya. Mbega bitwereka kw’ababa-tijwe muri Mpwemu Yera gusa ni bo bazoja mw’ijuru? Oya.

Mbega k’Umukwe yaje mu gicugu, ukugaruka kwiwe kuzoba mu gicugu? Oya.

Ni kuki Umukwe atabwiye za nkumi zitanu ziciye ubwenge zirabeko ari za zindi zitanu ngo zugururirwe? Iyo agira gurtyo, uyu mugani nta nsiguro woba ugifise, kuko vya bipfu vyociye vyinjira.

Kumbure twovugwako vya bijuju vyabonye bitagifise umuco bica vyigira kuryama, nk’abizera b’ibijuju bagendera mu mwiza utuma basinzira mu mpwemu bigatuma bacirwa urubanza. Kumbure isano riri mu bukwe bw’uyu mukwe n’ubukwe bw’Umwagazi w’Intama, ivyo bishoboka gusa igihe umuntu adashaka kuvugisha uyu mugani ico yiyumvira.

Kwama Ivyamwa (Bearing Fruit)

Insobanuro mbi ihebuje nigeze kwumva ku migani ya Yesu ni insobanuro yahawe umugani w’urwamfu mu buro yatanzwe n’umusiguzi ntarinze kuvuga izina. Reka dusome uyo mugani:

Abacira uwundi mugani, at’Ubwami bwo mw’ijuru busa n’umuntu yabivye imbuto nziza mu ndimiro yiwe. Abantu basinziriye, haza umwansi wiwe abiba urwamfu mu buro hagati, arigira. Bumaze gusesa no kuyangika, urwamfu ruca ruraboneka. Abashumba ba nyene urugo baraza baramubaza, bati “mbega mutungwa, nti wabivye imbuto nziza mu ndimiro yawe? Non’urwamfu rwavuye hehe?” Nawe ati, “Ni umuntu w’umwansi yagize artyo!” Ba bashumba baramubaza, bati “none ugomba ko tuja kurutororokanya?” At’“Oyaye, kuko kumbure mu kurandura urwamfu mworandurana n’uburo. Mureke bikurane vyompi gushitsa mw’igenya. Maze mu gihe c’igenya nzobwira abagenyi, nti Mubanze mutororokanye urwamfu, muruhambire imikama, muruturire; arik’uburo mubwimburire mu kigega canje’” (Mat. 13:24-30).

Ehe insobanuro yatanzwe na wa musiguzi:

Igihe uburo n’urwamfu bishuritse, vyompi birasusa. Ntushobora gutandukanya uburo n’urwamfu. Ni ko bimeze mw’isi n’ishengero. Ntawushobora gutandukanya abakristo n’abatizera. Ntibashobora gutandukanywa n’ingene babaho ubuzima bwabo, kukw’abakristo benshi batumvira Kristo nk’uko bimeze kubatizera. Imana gusa ni yo izi imitima yabo, yahisemwo kuzobatandukanya igihe c’iherezo.

Iyo si yo ntumbero y’uyu mugani w’urwamfu mu buro! Vy’ukuri, wigisha ko hari itandukaniro rinini hagati y’abizera n’abatizera. Abakozi babonye ko urwamfu ruri mu murima rugishuritse (akarongo ka 26). Igituma rugaragara ni kubera yuko rutama ivyamwa. Yesu yagereranije urwamfu n’ababi kuko bazotororokanywa batabwe i kuzimu.

Uyu mugani werekana ko: Abakijijwe koko bama ivyamwa; abadakijijwe ntibama ivyamwa. Imana ntirikw’ihana abanyavyaha n’aho babana n’abakijijwe, ariko yarashizeho umusi izobatandu-kanya n’abagororotsi ikabajugunyira i kuzimu.

Yesu yatanze insobanuro y’uyu mugani kugira ngo ntihagire abawuha insobanuro itari yo:

Ubiba imbuto nziza ni Umwana w’umuntu. Indimiro ni isi. Imbuto nziza ni bo bana b’ubwami. Urwamfu ni abana ba wa Mubi. Umwansi yarubivye ni wa Murwanizi. Igenya ni umuhero w’isi. Abagenyi ni abamarayika. Nk’uk’urwamfu rutororokanywa rugaturirwa mu muriro, ni ko bizoba ku muhero w’isi. Umwana w’umuntu azotuma abamarayika biwe, n’abo bazotororokanya ibitsitaza vyose n’abakoze ibizira, babakure mu bwami bwiwe. Bazobaterera mw’itanure ry’umuriro, ni ho hazoba kurira no kuryanya insya z’amenyo. Bun’abagororotsi bazokwaka nk’izuba mu bwami bwa Se. Uri n’amatwi ni yumve (Mat. 13:36-43).

Imvugo Ndenzarugero (Hyperbole)

Iyindi mvugo y’imigani dusanga muri Bibiliya ni imvugo ndenzarugero. Imvugo ndenzarugero ni kurenza urugero igihe ushimangira iciyumviro. Iyo umuvyeyi abwiye umwana wiwe, “Naguhamagaye incuro igihumbi uze kurya,” abo akoresheje imvugo ndenzarugero. Akarorero k’imvugo ndenzarugero muri Bibiliya ni igihe Yesu yavuga ivyo guca ukuboko kw’iburyo:

Ukuboko kwake kw’i buryo ni kwagutsitaza, uguce igikonjo, ugute kure: vyokubera vyiza gupfa urugingo rumwe, hak’umubiri wawe wose woja muri Gehinomu (Mat. 5:30).

Iyo Yesu abayaravuze koko ko dutegerezwa guca ukuboko kw’iburyo igihe kudukoresheje icaha, nta muntu n’umwe yarikuba agifise ukuboko kw’iburyo! Kanatsinda, igituma ducumura ntikiri mu maboko yacu. Yesu yarikw’atwigisha kw’icaha gishobora kutujana i kuzimu, kwirinda icaha ni gukuraho ibiducumuza n’ibidutsitaza vyose.

Imvugo Isanisha Abantu n’Imana, ibikoko n’ibindi (Anthropomorphism)

Ubwoko bwa gatatu bw’imigani dusanga mu vyanditswe ni imvugo isanisha abantu n’ibikoko. Ngaha iyo mvugo ifata ibiranga umuntu ikabishira ku Mana kugira ngo bidufashe gutahura Imana. Akarorero, dusoma mw’ Itanguriro 11:5:

Maze Uhoraho amanukanwa no kuraba ico gisagara n’uwo munara, abana b’abantu bubatse (Ita. 11:5).

Iyi mvugo isanisha Imana n’umuntu kuko womenga kw’Imana yafashe urugendo iramanuka gushika i Babeli kurondera inkuru ku nyubako y’abantu kandi dusanzwe tuzi kw’izi vyose!

Abize ivya Bibiliya benshi bavuga kw’amajambo avuga ingingo z’umubiri w’Imana, nk’ibiganza Vyiwe, amaboko, izuru, amaso n’umushatsi, ari imvugo ngereranyo. Bavugako Imana ishobora vyose, ntishobora kugira ingingo nk’iz’abantu.

Ndashobora kubihakana, n’aho bimeze gurtyo, kubw’imvo zitandukanye. Iya mbere, kukw’ivyanditswe bivuga ko twaremwe mw’ishusho ry’Imana:

Imana iravuga iti, “Tureme umuntu mw’ishusho ryacu, ase natwe” (Ita. 1:26, hashimikiwe ku nsobanuro).

Bamwe bavuga ko twaremwe mw’ishusho ry’Imana kandi ko dusa nayo kuko dufise ugutahura, dushobora gukora, dufise ububasha bwo kwiyumvira n’ibindi nk’ivyo. Reka dusome igice gisa n’ico nk’uko tugisanga mw’ Itanguriro 1:26, ivyabaye mu bice bikurikira:

Nuko Adamu amaze imyaka ijana na mirongwitatu avyara umuhungu afise ishusho yiwe, asa na we, amwita Seti (Ita. 5:3, hashimikiwe ku nsobanuro).

Ibi bisobanura ko Seti yasa na Se ku buryo bw’umubiri. Nimba ari vyo Itanguriro 5:3, risigura ca gice co mw’Itanguriro 1:26 kukw’ari kwo kivuga. Ubwenge bwo gusobanura bwemeza kw’ari vyo.

Nk’uko nyene, turabona ingene abandi banditsi muri Bibiliya bavuga uko babonye Imana. Akarorero, Mose, hamwe n’abisirayeki mirongwirindwi na batatu, barabonye Imana:

Maze Mose adugana na Aroni na Nadabu na Abihu, na ba bakuru b’Abisirayeli mirongwirindwi: babona Imana y’Abisirayeli; musi y’ibirenge vyayo hameze nk’umusezero w’amabuye yitwa safiro, usa n’ijuru ubwaryo iyo ryiharanguye. Kandi ba bakuru b’Abisirayeli ntihagira ico ibagira; n’uko birabira Imana bararya, baranywa (Kuv. 24:9-11).

Ubajije Mose kw’Imana ifise amaguru n’amaboko, akwira gute?

[2]

 

Uwavugishwa n’Imana yitwa Daniyeli na we yarahishuriwe Imana Data n’ Imana Mwana:

Nkomeza kwitegereza, bakiriko barashirah’intebe z’ubwami; maze hava uwa mbere na mbere [Imana Data] aravyagira; imyambaro yiwe yera nka shelegi, kand’umushatsi wiwe wasa n’ubwoya bw’intama yera derere; intebe y’ubwami bwiwe yari nk’ibirimi vy’umuriro. Kand’amakurudumu yayo yari nk’umuriro waka. Uruzi rw’umuriro rwiburuka ruva imbere yiwe; ibihumbi n’ibihumbi baramukorera, kand’amasinzi n’amasinzi bari bahagaze imbere yiwe. Imanza zirashingwa, ibitabo birazingururwa …. Kandi mu vyo neretswe mw’ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu [Mana Mwana], azananye n’ibicu vyo kw’ijuru, aza kuri wa Wundi wa mbere na mbere, baramumushikiriza, aca ahabwa inganji n’icubahiro n’ubwami kugira ngw’amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe: ingoma yiwe ni ingoma itazovaho, kand’ubwami bwiwe ni ubwami butazohangura. (Dan. 7:9-10, 13-14).

Ubajije Daniyeli kw’Imana ifise umushatsi wera n’umutumba kandi ko yicara ku ntebe y’ingaji, yokwishura gute?

Mfatiye ngaho, ndashobora kuvuga ko Mana Data afise umubiri w’ubwiza nah’ufise ishusho ry’umuntu, ariko uyo mubiri ntugizwe n’inyama n’amaraso, ni Mpwemu (raba Yohana 4:24).

Umuntu ashobora kumenya gute ibice vy’ivyanditswe bisobanurwa uko vyanditswe n’ibisobanurwa hisunzwe imvugo ngereranyo? Umuntu atahura neza arashobora kubimenya. Sobanura ikintu nk’uko canditswe kiretse imigani n’uturorero. Ivyavugishijwe n’Imana mw’Isezerano rya Kera hamwe n’igitabo c’ivyahishuriwe Yohana vyuzuye ibimenyetso. Usanga hari ibimenyetso bisobanuwe n’ibimenyetso bidasobanuye. Ibimenyetso biragaragara.

Icitonderwa #2: Soma utirengagiza ibivugwa mu bindi bice. Igice cose gisobanurwe hisunzwe ibice cakuwemwo hamwe n’ibindi vyanditswe vya Bibiliya. Imico na kahise vyanditswemwo bitegerezwa kwisungwa aho bishoboka hose.

Gusobanura ivyanditswe hatisunzwe kahise kavyo canke ibindi vyanditswe vya Bibiliya ni yo ntango y’ukuzazanirwa.

Urashobora kuvugisha Bibiliya ico ugomba kw’ivuga igihe utoragura ivyanditswe ubikura mu bindi vyanditswe. Wari ko har’igice c’icanditswe kivuga kw’Imana itabaho? Muri Zaburi 14 dusoma ngo “Nta Mana iriho” (Zab. 14:1). Tugomvye gusobanura ayo majambo nk’uko bibereye, dutegerezwa gusoma iryungane ryose: “Igipfapfa cibwira mu mutima, ngo ‘Nta Mana iriho’” (Zab. 14:1, hashimikiwe ku nsobanuro). Uyo murongo uciye ugira insobanuro idasanzwe!

Akandi karorero: Narigeze kwumva umusiguzi avuga kw’abakristo bategerezwa “kubatizwa mu muriro.” Yatanguriye insiguro yiwe ku majambo ya Yohana Umubatizi dusanga muri Matayo 3:11: “N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’uzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.”

Afatiye kur’uyo murongo umwe gusa, yarabiciye biracika. Ndibuka avuga ati, “Umubatizo wa Mpwemu Yera gusa ntuhagije! Yesu agomba kubabatiza mu muriro, nk’uko vyavuzwe na Yohana Umubatizi!” Arabandanya, ati tumaze “kubatizwa mu muriro” ni ho twuzura umwete wo gukorera Umwami. Arangiza ahamagara abantu bagomba “kubatizwa mu muriro.”

Uyo musiguzi yagize ikosha risanzwe rikorwa n’abandi igihe basokora icanditswe mu murwi w’ibindi bice kirimwo.

Mbega ni kuki Yohana Umubatizi yavuzeko Yesu azobabatiza mu muriro? Ushaka inyishu, soma imirongo yitangira ico canditswe hamwe n’uwundi murongo ukurikira. Reka duhere kuri ya murongo yitangira ico canditswe. Ni ho Yohana yavuze ati:

Mwoye kwiyumvira mu mitima, muti “Dufise Aburahamu, ni we sogokuruza”. Ndababwira yukw’aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’abana ba Aburahamu. Arikw’incabiti igenekerejwe ku bitsina vy’ibiti; n’uko rero igiti cose kitama ivyiza kiracibwa, kigatererwa mu muriro (Mat. 3:9-10, hashimikiwe ku nsobanuro).

Yohana yarikw’abwiriza Abayuda biyumvirako baheshwa agakiza n’ubwoko bwabo. Yarikw’avuga ubutumwa.

Turabona kandi ko Yohana yagabishije abanyavyaha ababwira ko bazotabwa mu muriro. Biratahurikak’“umuriro” Yohana avuga ku karongo ka 10 ari wo avuga ku karongo ka 11.

Bigaragara cane dusomye akarongo ka 12:

“Urutaro rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, kand’azokubura imbuga yiwe neza, yimburire ingano ziwe mu kigega, maz’umuguruka awuturire mu muriro utazima” (Mat. 3:12, hashimikiwe ku nsobanuro).

Yohana avuga ku muriro w’i kuzimu ku mirongo ya 10 na 12. Ku murongo wa 12, akoresha imvugo ngereranyo avuga ko Yesu azoshira abantu mu mirwi ibiri—ingano, “zizokwimburirwa mu kigega” n’umuguruka “uzotongorwa n’umuriro udashira.”

Dufatiye kuri kahise, dusanga Yohana avuga ko Yesu azobatiza abantu bizera muri Mpwemu Yera ku karongo ka 11, canke umuriro ku bantu batizera. Ni ko biri, abakristo ntibakwiye kwigishwako bakeneye umubatizo w’umuriro!

Mu gushigikira iyo nyigisho, duca twihweza ico Isezerano Rishasha rivuga. Mu vyakozwe n’intumwa hari ahantu tubwirwa kw’abakristo “babatijwe mu muriro”? Oya. Ntibishobora kugereranwa n’ivyo Luka avuga ku musi wa Pentekoti, abigishwa babatijwe muri Mpwemu Yera ibirimi vy’umuriro biboneka ku mitwe yabo umwanya motoya. Ariko Luka ntavuga kw’ari “umubatizo w’umuriro.” Mbega har’ahantu mu vyete vyandikiwe abakristo, dusanga babwirwa “kubatizwa mu muriro”? Ntaho. Kirazira kubwira abakristo babatizwe mu muriro.

Ubutumwa Bw’Ibinyoma Bakura Mu Vyanditswe

(A False Gospel Derived From Scripture)

Abasiguzi n’abigisha badaserangura neza ivyanditswe ni bo bahirika ivyanditswe. Ni co gituma hari inyigisho nyishi z’ibinyoma kubijanye n’ubuntu bw’Imana.

Akarorero, Paulo yavuze kw’agakiza katazanwa n’ibikorwa, kazanwa n’ubuntu nk’uko vyanditswe muri Efeso 2:8. Abakozi benshi b’ibinyoma barahiritse uyo murongo kuko birengagije inyigisho zitangwa n’ibindi vyanditswe. Paulo we yanditse ati:

Ubuntu ni bwo bwabakijije kubw’ukwizera: na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabire y’Imana; ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo hoye kugira uwirarira (Ef. 2: 8-9).

Abenshi bagerageza guhirika ayo majambo ya Paulo yemeza ko twahawe agakiza ku buntu kuko birengagiza ibindi vyanditswe vyinshi, bavuga kw’ata huriro riri hagati y’agakiza n’ukwezwa. Hari abandi bavuga ko n’aho umuntu atihanye arashobora gukizwa. Ako ni akarorero kagaragaza ingene ivyanditswe bishobora gusobanurwa nabi igihe cose insobanuro itisunze ico ibindi vyanditswe vyigisha.

Twihweze insobanuro y’uwo murongo wose duhejeje kuvuga. Paulo ntavuga ko twakijijwe ku buntu gusa, avuga ko ubuntu ari bwo bwadukijije kubw’ukwizera. Mu gukizwa, ubuntu bugira ikabanza kingana n’ico ukwizera kugira. Ivyanditswe bivuga ko ukwizera kutagira ibikorwa ari ubusa, kuba gupfuye, ntigushobora gukiza (raba Yak. 2:14-26). Paulo ntiyavuze k’ukwezwa kudafise ikibanza mu gakiza. Avuga kw’ivyo dukora bidashobora kudukiza; urufatiro rw’agakiza ni ubuntu bw’Imana. Ntitwari gukizwa iyo ubuntu bw’Imana butabaho, igihe ubuntu bw’Imana bwakiriwe mu kwizera buzana agakiza, ariko ntibigarukira ngaho. Agakiza kazana ukwumvira, ni vyo biranga ukwizera kuzima. Ivyanditswe bikikuje uyo murongo biravyemeza cane. Paulo ati:

Kuko tur’ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo (Ef. 2:10).

Turi ibiremwa bishasha muri Kristo. Mpwemu Yera yatugize bashasha ngo tugendere mu bikorwa vyiza vyo kwumvira. Ivyo bitanga igiharuro gikurikira:

Ubuntu + Kwizera = Agakiza + Kwumvira

Wongeye kwizera ku buntu bingana (canke bitanga) agakiza n’ukwumvira. Igihe twakiriye ubuntu bw’Imana mu kwizera, turonka agakiza n’ibikorwa vyiza.

Arikw’abantu bakuye amajambo ya Paulo mu mirongo iyasobanura bahinduye ico giharuro uku gukurikira:

Ubuntu + Kwizera – Kwumvira = Agakiza

Bisigura ngo: ushize ukwizera ku buntu ugakuramwo (canke ukiyobagiza) kwumvira bingana (canke bitanga) agakiza. Ico ni igihushanye c’ico Bibiliya itwigisha.

Dusomye iyindi mirongo Paulo yanditse, tubona ko Efeso yari ifise ibihe bisa n’ivy’ahandi hantu hose Paulo yabwirije. Abayuda bategetse abanyamahanga bizeye ubutumwa bwa Paulo ko bategerezwa gukebwa no kwitondera amabwirizwa ya Mose. Ivyo ni vyo “bikorwa” Paulo yavuze ko bidashobora kudukiza (raba Ef. 2:11-22).

Tubandanije gusoma, tubona kw’iyindi mirongo Paulo yandikiye Abanyefeso yerekana ko yemera k’ukwezwa ari ngirakamaro mu gakiza:

Arik’ubushakanyi n’ibihumanya vyose cank’ukwifuza ntimukabishire no mu kanwa, mube nk’uko bibereye abera: cank’ibiteye isoni, cank’amajambo y’ubupfu, cank’ibitwenza bibi, kukw’ivyo bitabereye, ikibereye ni ugushima Imana. Kukw’ibi mubizi neza, yukw’ata mushakanyi, cank’igihume cank’uwifuza (ni we asenga ibigirwamana) azogira ico aragwa mu bwami bwa Kristo n’Imana. Ntihakagire umuntu abahendesha amajambo y’ubusa: kukw’ivyo ari vyo bizanira uburake bw’Imana abantu b’intabarirwa (Ef. 5:3-6, hashimikiwe ku nsobanuro).

Iyo Paulo yemera k’ubuntu bw’Imana bukiza umunyangeso mbi, igihume cank’uwifuza atihanye, ntiyari kwandika ayo majambo. Insiguro y’amajambo Paulo yanditse, abanyefeso 2:8-9, iratahurika cane igihe turavye iyindi mirongo igize ico cete.

Akajagari K’Ab’I Galatiya (The Galatian Fiasco)

Amajambo Paulo yandikiye ab’i Galatiya yarasobanuwe nabi n’abantu batisunze ibindi vyanditswe bigize ico cete. Ni co gituma hari abantu bahindura ubutumwa bwiza. Igihe Paulo yandikira ab’i Gakatiya yashaka guhubura iyo ngeso.

Iciyumviro nyamukuru c’icete Paulo yandikiye ab’i Galatiya ni “Agakiza kazanwa n’ukwizera, si ibikorwa vy’ivyagezwe.” Mbega Paulo yashaka kw’abasoma ivyo yanditse batahura k’ukwezwa kudakenewe ku bantu baja mw’ijuru? Oya namba.

Ica mbere, Paulo yanditse arwanya Abayuda bigisha abizera b’i Galatiya bababwira ko badashobora gukizwa badakebwe no kwitondera amabwirizwa ya Mose. Paulo avuga ku kibazo co gukebwa incuro nyinshi mur’ico cete, kukw’ivyagezwe vy’Abayuda vyagishimikirako cane (raba Gal. 2:3, 7-9, 12; 5:2-3, 6, 11; 6:12-13, 15). Paulo ntiyanditse abashimira ko bitondera amabwirizwa ya Kristo, ahubwo yarabagaye kuko batacizera Kristo mu gakiza kabo. Yabagaye kuko bitondera ivyo gukebwa n’ibikorwa vyabo vy’intege nke biri mu vyagezwe vya Mose.

Twihweze ico Paulo yavuze mu cete yandikiye ab’i Gakatiya mu gice ca 5:

Ariko namba murongorwa na Mpwemu, ntimuganzwa n’ivyagezwe. Kand’ibikorwa vy’akameremere kacu biramenyekana, ni ibi: ubushakanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke, gusenga ibigirwamana, uburozi, ubwansi, intonganya, ishari, uburake, ikeba, kwitandukanya, ibice, igono, kuborerwa, kudandahirwa, n’ibindi ben’ivyo, ivyo ndabibaburiye, nk’uko nabibaburiye kera, yukw’abakora ibisa birtyo batazoragwa ubwami bw’Imana (Gal. 5:18-21, hashimikiwe ku nsobanuro).

Iyo Paulo aba ashaka kumenyesha ab’i Galatiya ko bashobora kuja mw’ijuru n’aho batejejwe, ntiyari kwandika ayo amajambo. Ahubwo yanditse abamenyesha kw’abatejejwe badashobora kuja mw’ijuru. Abahindura ubusa ubuntu bw’Imana, ni abantu bakurikira Kristo baronderera agakiza mu gukebwa no gushitsa ivyagezwe vya Mose. Nta gakiza kari mu gukebwa. Kwizera Yesu ni kwo kuzana agakiza gahindura abizera ibiremwa bishasha:

Kuko gukebwa ata kimazi, no kudakebwa nta kimazi, ikigira ikimazi ni icaremwe gisha (Gal. 6:15).

Ibi vyose vyerekana kw’ari nkenerwa kwisunga iyindi mirongo igihe usobanura ivyanditswe. Umuntu avyiyobagiza mu gusobanura kwiwe ahinduka umwigisha w’ibinyoma. Ni co gituma dushobora kuvuga ko kuba “umukozi” b’ibinyoma ari uguhitamwo kw’umuntu.

Akarorero, narigeze kwumva umusiguzi abuza abantu kuvuga k’uburake bw’Imana mu nsiguro zabo ngw’ahubwo bavuge ko “ukugira neza kw’Imana ari kwo gushikana abantu ku kwihana” (Rom. 2:4). Ati, kuvuga ubutumwa neza ni kuvuga k’urukundo n’imbabazi z’Imana gusa. Ivyo ni vyo bituma abantu bihana.

Ariko igihe twihweje ivyanditswe uyo murongo wakuwemwo mu gice ca kabiri c’icete candikiwe Abaroma, dusanga ivyanditswe bivuga ku rubanza rw’Imana n’uburake bwiwe bweranda! Iyo mirongo Paulo yanditse ntihuza n’ivyavuzwe na wa musiguzi:

Ariko turazi ko urubanza rw’Imana ari urw’ukuri, urwo icira abakora ibisa birtyo. Wewe ga muntu, uhinyura abakora ibisa birtyo, nawe ubikora, mbega wiyumvira y’uko uzokira urubanza Imana ica? Cank’ukengera itunga ryo kugira neza kw’Imana kugushikana ku kwihana? Ariko kuk’ufise umutima ukomantaye utihana, wirindiriza uburake buzoba ku musi wo kuraka, ah’amateka abereye y’Imana azohishurwa, izokwishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze. Abarondera ubwiza n’icubahiro no kudapfa, bahora bakora ivyiza bihanganye, izobishura ubugingo budashira. Ariko kubakebana ntibumvire ivy’ukuri, ariko bakumvira ukugabitanya, hazoba uburake no guhambarirwa. N’amarushwa n’ivyago ku bugingo bw’umuntu wese akora ibibi, uhereye ku Muyuda, ukageza ku Mugiriki (Rom. 2:2-9, hashimikiwe ku nsobanuro).

Paulo avuga kw’Imana yihanganira abantu ikabashikana ku gakiza, abatihana ibarindiriza uburake bwayo! Umuntu arashobora kwibaza igituma umukozi w’Imana atanga insiguro irwanya inyigisho ihurizwako n’ivyanditswe vyose bigize Bibiliya. Hari uturorero twinshi abasiguzi bahurizako mu kugabisha abantu badashaka kwihana.

Uguhuriza Hamwe kw’Ivyanditswe (Scripture’s Consistency)

Kubera ko Bibiliya yahumekewe n’Umuntu umwe, ubutumwa bwayo bushimikira ku kintu kimwe. Ni co gituma twizigira kw’imiringo yose ya Bibiliya yashiriweho kwunganira ubutumwa bw’Imana dusanga mu bice vyose. Imana ntishobora kuvuga mu gice na kimwe c’ivyanditswe ibinyuranye n’ivyo ivuga mu bindi bice, igihe ubona umengo biranyuranye, utegerezwa kugira umwete wo kwiga iyo mirongo gushika ah’insobanuro yayo ihuriza hamwe. Akarorero, ahantu henshi mu butumwa bwa Yesu ku musozi, urashobora kwiyumvira kw’avuga ibihushanye, ahandi ukagira ngw’ahubuye inyigisho canke ivyo abantu bizera mw’Isezerano rya Kera. Akarorero:

Mwarumvise ko vyavuzwe, “ngw’Ijisho rihorwe irindi, n’iryinyo rihorwe irindi.” Ariko jeho ndababwire : Ntimurwanye umunyakibi: ugukubise urushi mu musaya w’i buryo umuhindukirize n’uwundi (Mat. 5:38-39).

Yesu yasubiyemwo umurongo wanditswe mu mabwirizwa ya Mose aca avuga nk’uwushinga icagezwe gishasha gihushanye n’ica Mose. Mbega ayo majambo yiwe twoyasobanura gute? Mbeg’Imana yarahinduye iciyumviro? Mbega ukwihora kwari kwemewe mw’isezerano rya kera? Hari imirongo idufasha kubitahura.

Yesu yabwiye ayo majambo abigishwa biwe (raba Mat. 5:1-2) kuko bari basanzwe bayigishwa n’abanyabwenge b’ivyanditswe n’abafarisayo mu masinagogi yabo. Mur’ivyo bibanza bigisha ngo “Ijisho rihorwe irindi, iryinyo rihorwe irindi,” ico cagezwe cahinduwe n’abanyabwenge b’ivyanditswe hamwe n’abafarisayo kuko birengagije imirongo igize ico gice. Imana ntiyagomba kw’iryo tegeko risobanurwa nk’uburenganzira bwo kwihora. Mbere no mu mategeko ya Mose yaravuze k’uguhora ari ukwayo (raba Gus. 32:35), kandi kw’abantu bayo bagirira neza abansi babo (raba Kuv. 23:4-5). Arikw’abanyabwenge b’ivyanditswe hamwe n’abafarisayo barirengagije ayo mabwirizwa bishingira insobanuro yabo nshasha ngo “iryisho rihorwe irindi” ari ukwihora.

[3]

Birengagije imirongo itari mike.

Itegeko ry’Imana “jisho rihorwe irindi, n’iryinyo rihorwe irindi” turisanga mu yindi mirongo ivuga kuvyo kuburana muri Isirayeli (raba Kuv. 21:22-24; Gus. 19:15-21). Inzego z’ubucamanza ntizashiriweho ukwihora. Imana yashinze kw’ibirego n’imburano vyihwezwa kandi bigakurikiranwa n’abacamanza batagira aho begamiye, n’aho bishika bagafumbatishwa. Imana yagomba ko sentare n’abacamanza batanga ibihano bikwiranye n’ivyaha vyakozwe. Bisigura ngo “ijisho rihorwe irindi, n’iryinyo rihorwe irindi”.

Ni co gituma bitoroshe kunywanisha ayo majambo Yesu yavuze hamwe n’icagezwe ca Mose. Yesu yarikw’aha abari ngaho insobanuro kama y’ico cagezwe kuko kuva babaho bagendera mu nyigisho z’ibinyoma bahabwa n’Abafarisayo. Ni co gituma batari bwa menye kw’Imana yanka ukwihora. N’ukw’Abafarisayo babihiritse, vyari bimaze guhishurwa mu mategeko ya Mose. Yesu ntiyari kunyuranya n’amategeko yahaye Mose. Ahubwo yaje gushishura ubutumwa buri mur’ayo mategeko kuva agishingwa.

Ayo majambo ni yo adutahuza icifuzo ca Yesu igihe turi mu mburano. Imana ntiyashaka ko Abisirayeli bigira abejo iyo mwene wabo acumuye, ni co gituma yashinze sentare muri bo. Nk’uko nyene, Imana ntishaka kw’abakristo bigira sindabibazwa igihe abandi bizera (cank’abatizera) bakoze ivyaha. Isezerano Rishasha rivuga kw’abakristo bashamiranye borendera umuhuza muri bene Data (raba 1Kor. 6:1-6). Igihe umukristo yitwariye uwutizera kuko yamurenganije, si icaha. Ivyo vyaha bigereranywa n’ ukunokorwa ijisho canke guhongorwa iryinyo! Ivyaha bito-bito ni vyo Yesu agereranya no gukubitwa urushi mu musaya, canke kuburanywa kuber’ipfundo (nk’ishati yawe), canke kurenza umuntu umusozi umwe. Imana igomba kw’abantu bayo bayihimbaza mu kwerekana ubuntu butangaje ku vyaha bitobito n’abantu babi.

Tukiri ngaho nyene, hari abizera biyumvira ko bumvira Kristo igihe batitwarira abasahuye. Biyumvira kw’arikwo “guhindukiza uwundi musaya”. Ukwo ni ukwirererako ibisuma n’abononyi kuko ubereka kw’ata nkurikizi mbi ku caha. Abakristo nk’abo nta karorero keza bereka abasahurwa, mbere n’ibisuma bizoshishikara kukw’ivyaha bikora bidahanwa! Imana igomba kw’ibisuma bihanwa bikihana. Arikw’igihe umuntu agutsitayeko gatoya, agukubise ku musaya, ntumujane muri sentare canke umusubize ikibi. Mwereke urukundo n’imbabazi.

Gusobanura Isezerano rya Kera Twisunga Rishasha

(Interpreting the Old in Light of the New)

Ntidukwiriye kwama dusobanura Isezerano Rishasha twisunga irya Kera gusa, dutegerezwa ahubwo kwama dusobanura Isezerano rya Kera twisunga Isezerano Rishasha. Akarorero, hari abakristo benshi, igihe basomye indya zitaribwa mw’Isezerano rya Kera, bajana na rwo bakigisha ko hari indya abakristo badashobora kurya nk’uko biri mu vyanditswe. Bitumwa n’uko bisunga ivyanditswe bibiri gusa mw’Isezerano Rishasha ryose. Ese icompa bagatahura kw’ivyazira mu mategeko ya Mose bisigaye bifungurwa n’akayabagu mw’Isezerano Rishasha:

Na we arababaza, ati “mbega na mwe mur’imburabwenge murtyo? Ntimutahura yukw’ata kintu kir’inyuma iyo kigiye imbere mu muntu gishobora ku muhumanya, kuko kitagiye mu mutima wiwe, ariko kija mu nda, kigaca mu nzira yaco?” (Yemeje kw’ata ndya ihumanya) (Mariko 7:18-19).

Ariko Mpwemu avuga avyeruye yuko mu bihe bizoza bamwe bazota ivyizerwa, bagashira umutima kuvy’impwemu zizimiza no kuvy’inyigisho z’abadayimoni, bavugisha uburyarya bw’abanyabinyoma, bokejwe icapa mu mitima yabo ibagiriza ikibi, babuza kwabirana, babuza n’ivyo kurya, kandi ari vyo Imana yaremye kugira ngw’abizera, bakamenya ivy’ukuri, babirye bashima. Ico imana yaremye cose ni ciza, nti harimw’ico gutabwa, iyo cakiriwe n’uwushima: kuko kiba gihezagiwe n’ijambo ry’Imana no gusenga (1 Tim. 4:1-5).

Ntiduhambirwa ku vyagezwe vya Mose, duhambirwa ku mategeko ya Kristo mw’Isezerano Rishasha (raba 1Kor. 9:20-21). N’aho Yesu yunganiye ivyagezwe yahaye Mose (kuko bidushikana ku mategeko ya Kristo), haba We haba abigishwa biwe nta numwe yigishije kw’abakristo bategerezwa guca bugufi musi y’ivyagezwe vya Mose.

Biragaragara, abakristo bo hambere benshi bari abayuda, ni co gituma bazirikana ivyagezwe nk’ukw’imico yabo yabitegeka (raba Ivyak. 10:9-14). Ukw’abanyamahanga bashishikara kwizera Yesu, ni ko basabwa kwirinda indya ziziririjwe dusanga mu mategeko ya Mose kugira ngo ntibatsitaze Bayuda bamaze kwizera (raba Ivyak. 15:1-21). Abakristo birinda indya zaziririzwa mu mategeko ya Mose bategerezwa kwizera kw’agakiza kabo kadahagaze kur’ivyo bizira.

Bamwe mu bakristo ba mbere babwirwa ko kizira kurya inyama zaterekewe ibigirwamana. Paulo abwira abakristo batiyumvira gurtyo (nawe arimwo) ko bagendera mu rukundo rwa bene Data “kuva ku ntango y’ukwizera kwabo” (raba Rom. 14:1), birinde gutsitaza abandi. Iy’umuntu yirinzi indya kanaka kubw’icubahiro c’Imana (n’aho ivyo vyiyumviro vyiwe atari vyo), ni ashimirwe ukwo kwitangira Imana, nta gawe kukw’ adatahura. Nk’uko nyene, abirinda indya kanaka kubw’icubahiro c’Imana ntibacire imanza abazirya. Iyo mirwi ibiri itegerezwa kubana mu rukundo, ni vyo bishimisha Imana (raba Rom. 14:1-23).

Kubera yuko Bibiliya ari uguhishurwa kubandanya, dutegerezwa gusobanura uguhishurirwa kwa kera (Isezerano rya Kera) twisunze uguhishurirwa gushasha (Isezerano Rishasha). Nta guhishurirwa na kumwe Imana yigeze itanga kurwanya ukuhasanzwe; kwama kwunganirana.

Imico na Kahise k’Icanditswe (Cultural and Historical Context)

Bishobotse, dutegerezwa kwitwararika imico n’igihe handikwa igice canke umurongo turiko turiga. Kumenya imico, intara na kahise k’abantu batumberewe mu gice kanaka biradufasha gutahura cane. Kugira ngw’ivyo bishoboke, utegerezwa kugira ibitabo bidondora Bibiliya na Bibiliya nziza yo kwigiramwo. Ivyo birafasha cane.

Ntange uturorero twerekana ingene imico na kahise bidushoboza gutahura inkuru bigatuma tutazazanirwa igihe dusobanura Bibiliya:

1.) Har’igihe tubona mu vyanditswe abantu baja gusengera mu cumba co hejuru (raba Ivyak. 10:9) canke basambura idari ry’inzu (raba Mariko 2:4). Birafasha ku menyako icumba co hejuru hari mw’igorofa igihe ca Bibiliya, har’ivyuririzo vyajana hejuru kur’izo gorofa. Tudatahuye ico kintu, turashobora kwiyumvira kw’ari itegeko rya Bibiliya ryo gusengera hejuru ku mazi akuguru kamwe hasi akandi hejuru!

2.) Muri Mariko 11:12-14, Yesu yaravumye umusukoni kuko utagira insukoni, n’aho “kitari igihe co kwama insukoni.” Birafasha kumenya yukw’imisukoni igira insukoni nkeya n’ahw’atari igihe co kwama insukoni, Yesu ntiyihenze kuja kur’uwo musukoni.

3.) Muri Luka 7:37-48, maraya yinjiye mu nzu y’umufarisayo yatumiye Yesu amuzimane. Ivyanditswe bivuga kw’igihe nya mugore yinjira yahagaze inyuma ya Yesu, atonyangiriza amosozi ku birenge vya Yesu abihanaguza umushatsi wiwe, abisiga amavuta abisomagura. Ubona ivyo vyari gushoboka Yesu yicaye ku meza arikw’ arafungura. Mbega yicaye musi y’imeza? Yari guca gute mu maguru y’abari ku meza?

Inyishu tuyisanga mu majambo ya Luka avuga ko Yesu yari “yunamye ku meza” (Luka 7:37). Mu mico y’ico gihe, abantu bafungurira ku meza ntoya bakicara barambiriza ku ruhande, bishimikiza ukuboko kumwe hasi bakarisha ukundi. Ni co gituma uyo mugore yaronse akaryo ko kumusenga.

Ivyo bidutahuza ingene Yohana yashobora kwegamira Yesu ku gikiriza igihe c’Ingaburo Yera amubaza ibibazo. Yohana yegamira Yesu arabisha umugongo wiwe kuri Yesu, ni co gituma yashobora kumubaza ibibazo mu mpisho (raba Yohana 13:23-25). Igicapo rurangiranwa c’uwitwa DaVinci cerekana Yesu ari ku meza n’abigishwa biwe batandatu uruhande rumwe n’abandi batandatu ku rundi ruhande igihe c’Ingaburo Yera, cerekanako nyene kugicapa adatahura Bibiliya. Ntiyamenye kahise k’ivyo vyanditswe!

Ikibazo Kimenyereye Kubazwa kuvy’Impunzu (A Common Question About Clothes)

Ikibazo abungere bakunda kumbaza ni iki: “abakenyezi bakijijwe baremerewe kwambara ipantaro, ntituzi ko Bibiliya ibuza abagore kwambara impuzu z’abagabo?”

Iki kibazo turashobora kucishura twisunze amategeko yo gusobanura ivyanditswe mu kwisunga imico y’ico gihe.

Reka turabe ingene Bibiliya ibuza abagore kwambara impuzu z’abagabo:

Ntihaze hagire izina mukobwa yambarana impuzu n’izinamuhungu, canke ngo hagire izinamuhungu yambarana n’izinamukobwa: kuk’ukoze ivyo wese aba abaye ikizira k’Uhoraho Imana yanyu (Gus. 22:5).

Twibaze duti, “Mbega ni kuki Imana yatanze iri tegeko?” Ntiyashaka kw’abagore bambara ipantaro?

Oya, siyo ntumbero yayo kukw’ igihe Imana yavuga ivyo, nta mugabo yambara ipantaro mu Bisirayeli. Nta mugabo cank’umugore yambara ipantaro mur’ico gihe. Ahubwo mu gihe ca Bibiliya, impuzu abagabo bambara nizo abagore bambara mur’iki gihe! Kahise n’imico ni vyo bidufasha gusobanura neza iryo tegeko ry’Imana.

Mbega Imana yari itumbereye iki?

Twasomye ko kwambara impuzu z’ikindi gitsina ari ikizira ku Mana. Nta gufyina. Iyo umugabo afashe umwitwikiro w’umugore akawushira ku mutwe wiwe imisegonda itatu, mbega ni ikizira k’Uhoraho? Sindavyemera.

Imana yanka umuntu yambara impuzu y’ikindi gitsina kugira ngw’igitsina ciwe ntikimenyekane. Ni kuki hari abantu babigira? Babigira ngo bahumbishe abantu basangiye igitsina, ubwo ni ubuhumbu bw’ abasangiye ibitsina. Ni co gituma ari ikizira k’Uhoraho.

Nta muntu n’umwe ashobora kwemeza kw’ari icaha umugore yambaye ipantaro nk’uko bamwe babeshera Gusubira mu vyagezwe 22:5, kibera icaha ababigira ngo bahumbishe abo basangiye igitsina. Agumye ari umugore akambara ipantaro nta caha kirimwo.

Kanatsinda, ivyanditswe bitegeka umugore kwikwiza iyo yambaye (raba 1Tim. 2:9), za pantaro karuhariwe mu kwerekana akaranga (cank’impuzu zose zerekana akarango canke twa tujipo tugufi twitwa mini) kuko zituma abagabo babifuza. Nyinshi mu mpuzu abagore bo mu bihugu vya buraya bambara ntizibereye, ikibabaje ni ukw’ari zo zambarwa n’indaya zo mu bihugu bikenye. Nta mugore akijijwe yambara ngw’“akwegere abamwitegereza mu kwifuza.”

Ibindi Vyiyumviro Bikeya (A Few Other Thoughts)

Birataganje kubona ntarigera mbazwa n’abungere bo mu bushinwa ikibazo c’abagore bambara ipantaro. Ngira ni kubera yukw’abashinwakazi bambaye amapantaro uhereye kera cane. Kenshi ikibazo c’abagore n’amapantaro kibazwa mu bihugu bidafise abagore bambara amapantaro. Imico iratandukanye.

Biratangaje kandi kubona ntabazwa bene ico kibazo n’abagore bakorera mu gihugu citwa Myanmar, ahw’abagabo bambara impuzu zimeze nk’amajipo, ariko bo bayita longgi. Ibigize impuzu z’abagore n’iz’abagabo birasa canke bigatandukana tandukana nk’ukw’ imico itandukana. Twirinde kwemeza abandi ivy’imico yacu dufatiye kuri Bibiliya.

Mu kurangiza, ni kuki abagabo badashaka kw’abagore bambara amapantaro bitwaza Gusubira mu vyagezwe 22:5 bakiyobagiza ivyanditswe kuri bo mu Balewi 19:27:

Ntimuze mukebere umushatsi wo mu misaya, canke ngo mucacure imitwe y’ubwanwa bwanyu (Lew. 19:27).

Ni kuki abagabo barenga ivyanditswe mu Balewi 19:27 bakamwa canke bagakebera ubwanwa bahawe n’Imana kandi aribwo bubatandukanya n’abagore, ariko bagaserereza abagore bambara amapantaro ngo bigana abagabo? Ubwo ni uburyarya!

Ntaribagira, har’inkuru ifatiye kuri kahise idutahuza icatumye Imana itanga ico cagezwe mu Balewi 19:27. Gukebera ubwanwa cari ikintu kimwe mu bintu biranga abasenga ibigirwamana.

Ni Nde Arikw’Aravuga? (Who is Speaking?)

Dutegerezwa kwitwararika uwuvuga mu canditswe cose kigize Bibiliya, birafasha cane igihe dusobanura ivyanditswe. N’aho ikintu cose kiri muri Bibiliya cahumekewe, ikintu cose canditswe muri Bibiliya si ijambo Imana ririmwo impwemu y’Imana. Bisigura iki?

Mu bice vyinshi vy’ivyanditswe, hari amajambo abantu bavuze barongowe n’Imana n’ayandi bavuze batarongowe nayo. Ni co gituma tudashobora kuvuga kw’ikiri muri Bibiliya cose ca humetswe n’Imana.

Akarorero, kwiyumvira kw’amajambo ya Yobu na bagenzi biwe yahumekewe n’Imana ni ikosha rininiya. Hari ibintu bibiri bisigura ayo makosha. Ica mbere, dusanga impari za Yobu na bagenzi mu bice mirongwine na bine. Ntaho bigeze bahuza. Ivyo bihari vyabo ntivyari bihumekewe n’Imana kukw’Imana itivuguruza.

Ica kabiri, mu gusozera igitabo ca Yobu, Imana ivuga ikankamira Yobu na bagenzi biwe kubera amajambo y’ubupfu bavuze (raba Yobu 38-42).

Ni ko natwe dutegerezwa kwirinda igihe dusoma canke dusobanura Isezerano Rishasha. Hari igihe Paulo yavuga kandi akerekana iciyumviro ciwe (raba 1Kor. 7:12, 25-26, 40).

Ni Nde Abwirwa? (Who is Being Addressed?)

Ntidukwiye kwibaza gusa uwuriko aravuga, dutegerezwa kwihweza neza n’uwubwirwa. Iyo tutagize ico kintu, turashobora kwiyumvira kw’igice kanaka kibwirwa twebwe igihe kibwirwa abandi. Canke ico tubwirwa tukagisobanura nk’ikibwirwa abandi.

Akarorero, hari abantu biyitira isezerano ryo muri Zaburi 34, rivuga ngo:

Uhimbarwe n’Uhoraho na we azoguha ivyo umutima wawe ugomba (Zab 37:4)

Mbeg’iryo sezerano ribwirwa umuntu wese arisoma canke arizi? Oya, turavye iyindi mirongo, dusanga ribwirwa abantu bakwije ibikurikira:

Wizegire Uhoraho, ukore ivyiza, guma mu gihugu, ushishikare vy’ukuri. Uhimbarwe n’Uhoraho, na we azoguha ivyo umutima wawe ugomba (Zaburi 37:3-4).

Turabona ingene ari nkenerwa kumenya uwubwirwa.

Akandi karorero:

Maze Petero atangura kumubwira[Yesu], ati “raba, twebwe twararetse vyose turagukurikira.” Yesu arababwira, ati “Ndababwire ukuri, nta waretse inzu, canke bene nyina, canke bashiki biwe, canke nyina, canke Se, cank’abana, cank’itongo, kubwanje no kubw’ubutumwa bwiza, atazobishumbushwa ijana mur’iki gihe ca none, amazu, na bene nyina, na bashiki biwe, na ba nyina, n’abana, n’itongo, bisukiranijwe no guhamwa, kandi mu gihe kizoza azohabwa ubugingo budashira” (Mariko 10:28-30).

Biroroshe kwatura “k’uzoshumbushwa ijana ku rindi” igihe utanze amahera yo gushigikira umuvugabutumwa kanaka. Mbeg’iryo sezerano rivuga k’umuntu nk’uyo? Oya, ryahawe abantu baheba imiryango yabo, amatongo n’amazu kubera kuvuga ubutumwa, nk’uko Petero yabikoze. Ni co gituma yabajije Yesu ico bazoshumbushwa.

Biratangaje kubona kw’abantu bigisha gushumbushwa incuro ijana bavuga ku nzu n’amatongo gusa, abana n’ihamwa ntibigera babivuga kandi biri mw’isezerano! Mbere Yesu ntiyasezeranye k’uwuzoheba inzu yiwe azoshumbushwa amazu ijana. Yasezeranye yukw’igihe uhevye imuryango n’inzu, uzokwugurirwa irembo n’abo usanze mu bwami bw’Imana. Abigishwa b’ukuri ntibarazwa ishinga no kugira ivyo bisangije kukw’ata butunzi bafise bokwiyitira—ivyo bafise vyose babibikijwe n’Imana.

Akarorero Ka Nyuma (A Final Example)

Igihe abantu basoma “Insiguro ya Yesu kuri Elayono” nk’uko yanditswe muri Matayo 24-25, biyumvira ko yariko abwira abantu badakijijwe bagasozera bavuga kw’iyo nsiguro itabaraba na gato. Bavuga yuko imigani y’umushumba mubi n’uw’inkumi cumi yabwirwa abatizera. Ariko nk’uko maze kubivuga, iyo migani yompi yabwirwa abigishwa ba Yesu (raba Mat. 24:3; Mariko 13:3). Kubera yuko Petro, Yakobo, Yohana na Ndereya bagabishijwe ngo Yesu ntagaruke batiteguye, natwe turakeneye kugabishwa. Impanuro za Yesu mu nsiguro yiwe y kuri Elayono ziraba uwizera wese abimenya canke atabimeya.

Icitonderwa #3 Soma utagira aho uhengamiye. Ntuhindure ivyo usomye. N’iyo wosoma ibinyuranye n’ivyo wizera, ntugerageze guhindura Bibiliya; Hindura ivyo wizera.

Twese dusoma ivyanditswe dufise ivyo twizera. Kubera ivyo, biratugora gusoma Bibiliya tudahengamye. Turuhira gushira ivyo twizera mu vyanditswe ha kureka Bibiliya ihundure ivyo twizera. Hari n’igihe turondera imirongo yo shigikira ivyo twizera, mu kwirengagiza imirongo ihushanya n’ivyo twizera. Vyitwa “Kwemeza-ivyanditswe.”

Ndabahe akarorero k’umuntu yemeza ivyanditswe ivyizerwa vyiwe. Uyo musiguzi yatanguye gusoma muri Matayo 11:28-29, amajambo ya Yesu tumenyereye:

Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura. Mwikorere ingata yanje, munyigireko; kuko nd’umurwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu (Mat. 11:28-29)

Uyo musiguzi avuga ko Yesu yarikw’atanga ubwoko bubiri bw’uburukuko. Uburuhuko bwa mbere (nk’uko yiyumvira) ni uburuhuko bw’agakiza buvugwa kuri 11:28, ubwa kabiri ni uburuhuko bw’abagira abigishwa kuri 11:29. Uburuhuko bwa mbere buboneka igihe umuntu yizeye Yesu; ubwa kabiri ni igihe umuntu atanguye kumwumvira, canke kwikoreza ingata ya Yesu.

Mbeg’ico ni co Yesu yar’atumbereye? Oya, ukwo ni ugushira ivyizerwa vyawe mu vyanditswe kandi atahuriro canke isano na rimwe bifitaniye. Yesu ntiyavuze kw’atanze uburuhuko bubiri. Abananiwe n’abaremerewe yabahaye uburuhuko bumwe gusa, kandi inzira imwe gusa yokuburonka ni kwikoreza ingata ya Yesu, ni kwo kumwumvira. Iyo ni yo yari intumbero ya Yesu.

Ni kuki uyo musiguzi yatanze yabisobanuye gurtyo? Ni ukw’ico canditswe kidashigikira ivyizerwa vyiwe bivuga ko hari ubwoko bubiri bw’abakristo—abizera n’abigishwa. Ni co gituma atasobanuye ico canditswe neza.

Kanatsinda, nkuko twabibonye mu bindi vyanditswe vyinshi ku ntango y’iki gitabo, insobanuro y’uwo musiguzi ntihuza n’izindi nyigisho Yesu yatanze. Mbega Isezerano Rishasha ryigisha ko mw’ijuru hazoba ubwoko bubiri bw’abakristo, abizera n’abigishwa? Abizera b’ukuri ni abigishwa. Abatari abigishwa s’abizera. Kuba umwigishwa n’icamwa c’ukwizera kw’ukuri.

Twihatire gusoma Bibiliya tutagira aho duhengamiye, imitima yacu itagira uburyarya. Nitwabigenza durtyo, tuzokwumvira twongere twihebere Kristo.

 


[1]

Biragaragara, Paulo yizera k’uwukijijwe ashobora gutakaza agakiza. Iyo ataba avyizera, ntiyari kubwira Timoteyo, umuntu dusanzwetuzi ko yar’akijijwe, ngo yitondere ibizotuma akira we n’abamwumviriza.

[2]

Mose yarabonye n’ibitugu vy’Imana igihe “Yarengana.” Imana yamukingirije urushi ntabone mu nyonga ziwe; raba Kuv. 33:18-23.

[3]

Ni vyiza kumenyesha ko Yesu yari amaze kubwira abamwumviriza ngo ukugororoka kwabo ni kutasumba ukw’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, ntibazoja mw’ijuru (raba Mat. 5:20). Yesu yarabandanije ahishura inzira zitandukanye zerekana kw’abanyabwenge n’abafarisayo ari ruhebwa.

To subscribe to David Servant's periodic e-teachings, click here.


Kirundi » Gusobanura Bibiliya (Biblical Interpretation)