Insiguro yo Ku Musozi (The Sermon on the Mount)

Igice C’Umunani (Chapter Eight)

Kubera ishaka ryo kugira abigishwa bumvira amategeko ya Kristo, umukozi agira abigishwa anezererwa Insiguro ya Yesu yo ku musozi. Ntituzi uburebure bw’iyo nsiguro ya Yesu, ico tuzi n’uko bwuzuyemw’amategeko yiwe. Umukozi agira abigishwa agaragaza ukwumvira kwiwe mu kwigisha abigishwa biwe amategeko yose ya Yesu mur’iyo nsiguro.

Ngomba kuvuga ivyo ntahura mur’iyo nsiguro dusanga muri Matayo 5-7 nkatera akamo abakozi bose ngo bigishe abigishwa babo iyo nsiguro yo ku musozi akarongo ku kandi. Nkumbure ivyo nanditse birashobora kubagirira ikimazi.

Musangamw’ibice bigize insiguro yo ku musozi, ni vyo biduha iciyumviro ngenderwako n’ishimikiro dusangamwo.

I.) Yesu akoranya abashaka kumwumviriza (5:1-2)

II.) Intangamarara (5:3-20)

A.) Imigisha n’ibiranga abahirwe (5:3-12)

B.) Akamo ko kuguma turi umunyu n’umuco (5:13-16)

C.) Itegeko ry’imigenderanira ya Kristo n’abamukurikira (5:17-20)

III.) Insiguro: Kuruta Abafarisayo n’abanyabwenge ukugororoka (5:21-7:12)

A). Kuruta Abafarisayo n’abanyabwenge gukundana (5:21-26)

B.) Kwirinda ubuhumbu kuruta Abafarisayo n’abanyabwenge (5:27-32)

C.) Kuvuga ukuri kuruta Abafarisayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe (5:33-37)

D.) Ntiwihore nk’Abafarisayo n’abanyabwenge (5:38-42)

E.) Ntiwanke abansi bawe nk’Abafarisayo n’abanyabwenge (5:43-48)

F.) Kora iciza n’umutima mwiza ntube nk’Abafarisayo n’abanyabwenge (6:1-18)

1.) Fasha aboro n’umutima mwiza (6:2-4)

2.) Senga ku ntumbero nziza (6:5-6)

3.) Gukebura abasenga n’abaharira (6:7-15)

a.) Inyigisho zo gusenga (6:7-13)

b.) Itegeko ryo guharira (6:8-15)

4.) Isonzeshe ku ntumbero nziza (6:16-18)

G.) Ntujakarire amahera nk’Abafarisayo n’abanyabwenge (6:19-34)

H.) Ntushingwe kurondera amakosha ya bene so (7:1-5)

I.) Ntute umwanya wawe ubwira ukuri abatakunezwe (7:6)

J.) Akamo ko gusenga (7:7-11)

IV.) Incamake: Indunduro y’Insiguro

A.) Amajambo yo kurangiza (7:12)

B.) Impanuro yo kwumvira (7:13-14)

C.) Uko twomenya abizera n’abavugishwa b’ibinyoma (7:15-23)

D.) Incamake n’impanuro za nyuma ku batumvira (7:24-27)

Yesu akoranya abashaka kumwumviriza (Jesus Gathers His Audience)

Abonye iryo shengero, aduga umusozi. Amaze kwicara, abigishwa biwe baramwegera. Yanzika kuvuga, arabigisha (Mat. 5:1-2).

Yesu yagabanije igitigiri c’abamwuviriza mu kuduga umusozi yitandukanya n’ “ishengero” ryari ngaho. Tubwirwa yukw’“abigishwa biwe bamwegereye,” abashaka kumwumviriza bemeye umuruho wo kuduga umusozi ngo bamumvye. Abo bari bakeya; ni ryo “shengero”, 7:28.

Yesu aratangura insiguro yiwe. Kuva ku ntango turabona ico yari atumbereye muri iyo nsiguro. Ababwira ko bazoba bahiriwe ni bagira ingeso kanaka. Izo ngeso ziranga abaja mw’ijuru. Urwo ni ryo rifatiro rw’insiguro yiwe—abera nibo bazoragwa ubwami bw’Imana. Abahirwe nyabo, dusanga muri 5:3-12, ni bo bavugwa muri iyi nsiguro.

Yesu yaradondaguye ibiranga abahirwe basezeraniwe imigisha itandukanye. Hari abantu bavuga k’umukristo wese ategerezwa kugira ingeso imwe gusa muri zo. Abandi bizera ko Yesu atarikw’adondagura ubwoko bw’abantu batandukanye bazohabwa imigisha, ariko yavuga kw’ abakristo bose babushitse ari bo bazohabwa umugisha rusangi muri kazoza: kuragwa ubwami bwo mw’ijuru. Nta buryo bwiza busumba ubu dushobora kuronka ngo dusobanure amajambo ya Yesu.

Hahirwa aboro mu mitima yabo, kuk’ubwami bwo mw’ijuru ar’ubwabo.

Hahirwa abatuntuye, kukw’aribo bazokwirurwa.

Hahirwa abatekereza, kukw’ari bo bazoragwa isi.

Hahirwa abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, kukw’ari bo bazohazwa.

Hahirwa abagira imbabazi, kukw’ari bo bazozigirirwa.

Hahirwa abafise imitima itanduye, kukw’ari bo bazobona Imana.

Hahirwa ababanguranya, kukw’ari bo bazokwitwa abana b’Imana.

Hahirwa abahamwa bahorwa ukugororoka, kuk’ubwami bwo mw’ijuru ar’ ubwabo.

Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampoye. Munezerwe, muhimbarwe, kukw’impera zanyu ari nyinshi mw’ijuru: kukw’ari ko bahama abavugishwa n’Imana ba mbere (Mat. 5:3-12).

Imigisha n’Ibiyiranga (The Blessings and Character Traits)

Dutangurire ku migisha yose yasezeranywe. Yesu yavuze (1) kw’abahirwe bazoragwa ubwami bwo mw’ijuru, (2) bazokwirurwa, (3) bazoragwa isi, (4) bazohazwa, (5) bazogirirwa imbabazi, (6) bazobona Imana, (7) bazokwitwa abana b’Imana, kandi (8) ubwami bwo mw’ijuru ar’ubwabo (hasubiwemwo #1).

Mbega Yesu atumenyesha kw’aboro mu mitima n’abahamwa kuber’ukugororoka ari bo bazoragwa ubwami bw’Imana? Abafise imitima itanduye gusa ni bo bazobona Imana, ababanguranya ni bo bazokwitwa abana b’Imana, ariko ntibazoragwa ubwami bw’Imana? Mbega ababangurukanya ntibazogirirwa imbabazi cank’abagira imbabazi ntibazokwitwa abana b’Imana? Biragaragara kw’atari vyo na gato. Ahubwo, iyo migisha yose ivugwa ihishijwe mu mugisha rusangi witwa—kuragwa ubwami bw’Imana.

Twiheze ingeso zitandukanye Yesu yavuze: (1) aboro mu mitima, (2) abatuntuye, (3) abatekereza, (4) abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, (5) abagira imbabazi, (6) abafise imitima itanduye, (7) ababangurukanya, n’ (8) abahamwa.

Mbega Yesu ashaka kutumenyesha k’umuntu ashobora kugira umutima utanduye ntagire imbabazi? Har’uwushobora guhamwa kuber’ukugororoka ariko ntagire inzara n’inyota vyo kugororoka? Siko bimeze. Ibiranga umuhirwe ni vyo bigize ingeso z’abizera bose.

Insiguro yo ku musozi igaragaza ingeso z’abakurikira Yesu mu kuri. Igihe yadondagurira abigishwa biwe izo ngeso, Yesu yabatahuje ko bahiriwe, ko bakijijwe kandi bazoba mw’ijuru mu munezero kuri wa musi. Mur’iki gihe, barashobora kutabona ko ari abahirwe ariko mu nyonga z’Imana niko bari.

Abadakwije ivyo Yesu yasavye s’abahirwe kandi ntibazoragwa ubwami bwo mw’ijuru. Umwungere agira abigishwa ntahunyiza umukuku wiwe utaramenya ukwo kuri.

Ibiranga Abahirwe (The Character Traits of the Blessed)

Izo ngeso umunani ziranga abahirwe zishobora gusobanurwa mu buryo bwinshi. Akarorero, mbega kuba “umworo mu mutima” ni bwo bweranda? Yesu yerekanye ikintu nya mukuru umuntu ashaka gukizwa ategerezwa kugira—ategerezwa kumenya ko ari umworo. Imbere yo gukizwa umuntu wese ategerezwa kwemera ko akeneye Umukiza, abo ni bo bantu batahura ubukene bwabo. Ese ingene bahiriwe kuruta Abisirayeli bikakisha badashobora kubona ivyaha vyabo!

Nta muntu ashobora kwikiza canke akizwe kubera ibikorwa vyiwe. Umuhirwe ni umuntu atahura kw’ata kintu ashobora guha Imana imukize kandi agatahura yuko ukugororoka kwiwe ubwiwe kumeze nk’”uducocerwa” (Yes. 64:6, Bibiliya yitwa KJV).

Yesu yatahuje abantu kw’ata n’umwe ashobora kwiha ingeso ziranga abahirwe. Umuhirwe ni umuntu afise ibiranga abahirwe vyemewe n’Imana. Vyose tubihabwa ku buntu bw’Imana. Yesu yavuze kw’abantu bahiriwe, atari kubera umunezero bazohabwa mw’ijuru gusa, ariko no kubera igikorwa Imana ikorera muri bo ngaha kw’isi. Igihe mbonye ibimenyetso biranga abahirwe muri jewe, sinibuka ivyo nakoze, nibuka igikorwa c’ubuntu bw’Imana muri jewe.

Abatuntuye (The Mournful)

Nimba ikimenyetso ca mbere kivugwa ari yo ngeso ya mbere dukeneye nk’abantu baja mw’ijuru, ikimenyetso cashizwe mu kibanza ca kabiri, gifise insiguro idasanzwe: “Hahirwa abatuntuye” (Mat. 5:4). Mbega Yesu yavuze k’ukwihana canke k’ukubabara? Ni ko niyumvira kukw’ivyanditswe bivuga k’umubabaro wo mu buryo bw’Imana uzana ukwihana (raba 2Kor. 7:10). Umubabaro wa wamutoza kori Yesu yatanze kw’akarorero ni ikimenyetso kiranga umuhirwe. Yarunamitse umutwe mu ngoro aciye bugufi, yikubita mu gikiriza atakamba asaba Imana imbabazi. Si nka wa Mufarisayo yibutsa Imana mu bwibone bwinshi kw’atanga ibigiracumi no kwisonzesha kabiri mu ndwi igihe yarikw’arasenga Wa mutoza kori yavuye ngaho ahariwe ivyaha vyiwe. Mur’iyo nkuru, umuhirwe ni umutoza kori; Umufarisayo nta mahirwe yar’afise (raba Luka 18:9-14). Ndazi ko hari abantu nk’abo mu bo yariko arabwira, batuntuye mu mitima igihe Mpwemu Year yabemeza. Indemesho iva kuri Mpwemu Yera ni rwabo!

Nimba Yesu atarikw’avuga ku ntuntu uwihanye wese agira igihe yiwera Kristo, yarikw’avuga ku mibabaro abizera bagira igihe bihweza ubugarariji buri muri iyi si. Paulo yavuze ati “mfise intuntu nyinshi n’umubabaro udahengeshanya mu mutima” (Rom. 9:2).

Abatekereza (The Gentle)

Ugutekereza ni ikimenyetso ca gatatu kivugwa nk’icamwa ca Mpwemu (raba Gal. 5:22-23). Gutekereza s’ivy’umuntu yigira. Abantu bamaze kwakira ubuntu bw’Imana bagaha Mpwemu Year ikibanza muri bo ni bo bagira ugutekereza. Hari umusi bazoragwa isi kukw’abagororotsi ni bo Imana yabikiye isi nsha yiremeye. Abiyita abakristo bakigira agahambaye no gutsitaza abandi baragaba. Ntibari mu gitigiri c’abahirwe.

Kugira Inzara yo Kugororoka (Hungering for Righteousness)

Kugira inzara n’inyota vyo kugororoka ni ikimenyetso ca kane cerekana ishaka Imana ishira mu bantu bavutse ubwa kabiri, ni bo batuntuzwa n’ukugabitanya kuri mw’isi. Banka icaha (raba Zab. 97:10; 119:128, 163) bagakunda ukugororoka.

Igihe dusoma mu vyanditswe ijambo ukugororoka, twihutira kurisobanura nk’”ikibanza co kugororoka Kristo yaduhaye”, ariko ntiryama risobanurwa gurtyo. Hari igihe risobanurwa nk’“ ingeso yo kugendera mu bugororotsi nkukw’Imana ibishaka.” Iyi ni yo nsobanuro y’amajambo Yesu yavuze ngaha, kuko umukristo adashobora kugira inzara y’ico amaze kuronka. Abavyawe na Mpwemu bifuza kubaho mu bugororotsi, kandi barasezeranywe “guhazwa” (Mat. 5:6) Kubw’ubuntu bwayo, Imana izosozera igikorwa yatanguje muri bo (raba Flp. 1:6).

Aya majambo ya Yesu ahishura ivy’isi nsha “irangwamwo ukugororoka” (2 Pet. 3:13). Nta caha kirimwo. Umuntu wese azobayo azokundisha Imana umutima wiwe wose akunde na bagenzi biwe nk’uko yikunda. Twebwe abafisi inzara n’inyota vyo kugororoka mur’iyi si nitwe tuzohazwa mw’isi nsha. Ni ho isengesho ry’umutima wacu rizokwishurwa, “Ivyo ushaka bibe kw’isi nk’uko biri mw’ijuru” (Mat. 6:10).

Abagira Imbabazi (The Merciful)

Ikimenyetso ca gatanu ni ukugira imbabazi. Umuntu wese amaze kuvuka ubwa kabiri ategerezwa kugira iyo ngeso kukw’Imana iba muri we ari inye mbabazi. Abatagira imbabazi s’abahirwe kandi berekana ko atari abaragwa bayo. Intumwa Yakobo yavuze ati: “Kuk’urubanza rutagirira akagongwe uwutagize akagongwe” (Yak. 2:13). Iyo umuntu ahagaze imbere y’Imana agacibwa urutagira akagongwe, wiyumvira kw’azokwinjira mw’ijuru?

[1]

Inyishu irazwi.

Yesu yaciye umugani w’umushumba yaronse imbabazi za shebuja, we ntiyazigirira umushumba nkawe. Shebuja amenye ivyabaye, “amushikiriza abasoda gushik’aho ariha ivyo yari aheranye vyose” (Mat 18:34). Yaciye yishuzwa imyenda yose yar’amaze guharirwa. Ni ho Yesu yaca ahanura abigishwa biwe, ati “Na Data wo mw’ijuru ni kw’azobagira, ni mutaharirana, umuntu wese ngw’aharire mugenzi we bivuye ku mutima” (Mat. 18:35). Kwanka guharira mwene so muri Kristo yagusavye imbabazi bituma usubira guharurwako ivyaha wari umaze guharirwa. Ukudaharira bituma dushikirizwa abasoda gushik’aho turiha ivyo twari duheranye vyose. Ntibisa n’ukuja mw’ijuru. Abadatanga imbabazi ntibazozihabwa. S’abahirwe.

Imitima Itanduye (The Pure in Heart)

Ikimenyetso ca gatandatu kiranga abaja mw’ijuru ni ukugira umutima utanduye. Abo s’abiyita abakristo, bakurikira Kristo kandi ukwera kwabo s’ukwo hanze gusa. Imitima yabo yatunganijwe ku buntu bw’Imana. Bakundisha Imana imitima yabo yose, ivyo ni vyo bihindura ivyiyumviro n’intumbero z’ubuzima bwabo. Yesu yabasezeranye kubona Imana.

Nsubire mbaze nti, mbega turashobora kwemera ko hari abizera bafise imitima yanduye bazobona Imana? Mbeg’Imana irashobora kubabwira ngo, “ murashobora kwinjira mw’ijuru, ariko ntimuzombona kukw’imitima yanyu yanduye?” Oya na gato, uwizera wese ashaka kuja mw’ijuru ategerezwa kugira umutima utanduye.

Ababangurukanya (The Peacemakers)

Ababangurukanya bazokwitwa abana b’Imana. Yesu yarikw’avuga ibiranga abigishwa biwe nyakuri, kuk’uwizera Kristo wese ni umwana w’Imana (raba Gal. 3:26).

Abavyawe na Mpwemu babangurukanya mu buryo butatu n’imiburiburi:

Ubwa mbere, bihuza n’Imana ubwabo, kuko bari basanzwe ari abansi (raba Rom. 5:10).

Ubwa kabiri, babana n’abandi amahoro, aho bishoboka hose. Ntibarangwa n’intambara no kwica ibice. Paulo yanditse avuga kw’abagendera mu burake, ikeba, kwitandukanya, ibice badashobora kuragwa ubwami bw’Imana (raba Gal. 5:19-21). Abizera b’ukuri barwanira amahoro bakabungabunga imigenderanire yabo n’abandi. Ntibashobora kuvuga ko bihuje n’Imana igihe badakundana (raba Mat. 5:23-24; 1Yohana 4:20).

Ubwa gatatu, mu kuvuga ubutumwa bwiza, abigishwa ba Kristo bafasha abandi bantu kugiranira amahoro n’Imana hamwe na bene wabo. Kumbure Yakobo yanditse yisunga uyo murongo uri mu nsiguro ya Yesu ku musozi igihe yandika, ati “Kand’imbuto zo kugororoka zibibwa mu mahoro n’ababanguranya” (Yak. 3:8).

Abahamwa (The Persecuted)

Ubwa nyuma, Yesu yise abahirwe abantu bose bahamwa kubw’ukugororoka. Yarikw’avuga ku bantu babaho mu kugororoka, s’abiyumvira ivy’ukugororoka. Abumvira amabwirizwa ya Kristo ni bo bahamwa n’abatizera. Ni bo bazoragwa ubwami bw’Imana.

Ni ubuhe bwoko bw’ihamwa Yesu yarikw’aravuga? Gucibwa amazosi? Oya, yadomye urutoke k‘ugutukwa no kuvugwa nabi kubwiwe. Ni co cerekana k’umuntu yabaye umukristo mwiza. Abatizera barihuta kubibona, ahandi ho abanyamahanga ntibomuvuga nabi. Ni abakristo bangahe ushobora gutandukanya n’abatizera? Kuko biberaho ata munyamahanga n’umwe abavuga nabi. Ubwo s’ubukristo. Yesu yavuze ko “bazobona ibara, ah’abantu bose bazobashemagiza; kukw’ariko ba sekuruza babo bashemagije abigira abavugishwa n’Imana” (Luka 6:26). Igihe uvugwa neza n’abatizera bose, menyako ugeze ahatemba. Isi iranka abakristo b’ukuri (raba Yohana 15:18-21; Gal. 4:29; 2Tim. 3:12; 1 Yohana 3:13-14).

Umunyu n’Umuco (Salt and Light)

Yesu amaze gutahuza abigishwa biwe ababwira ko bari mu gitigiri c’abahirwe bazoragwa ubwami bwo mw’ijuru, ni ho yaca abagabisha. Aratandukanye n’abagisha b’iki gihe bemeza impene ko zidashobora gutakaza agakiza n’aho vyogenda gute, Yesu yakunze abigishwa biwe gushika aho abagabisha ngo ntibazohave bakurwa mu gitigiri c’abahirwe.

Mur’umunyu w’isi. Arik’umunyu, iy’ushize uburyohe, uba ukiryoshwa n’iki? Nta co uba ukimaze atar’ugutabwa hanze ugakandagirwa n’abantu. Mur’umuco w’isi. Igisagara cubatswe ku mpinga y’umusozi ntigishobora guhishwa. Nta bodomeka itara ngo baryubikekw’igisimbo, ariko baritereka ku gitereko caryo, ngo riboneshereze abari mu nzu bose. Abe arik’umuco wanyu ubonesha imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw’ijuru (Mat. 5:13-16).

Menya ko Yesu atahanuye abigishwa biwe ngo babe umunyu cank’ umuco. Yavuze (mu mvugo ngereranyo) ko bamaze kuba umunyu, abahanura kuguma nk’uko. Yabise (mu mvugo ngereranyo) umuco, abahanura ko batohisha umuco uva muri bo, ushishikare ubonesha. Biratandukanye n’inyigisho zihamagarira abakristo kuba umunyu n’umuco. Abatari umunyu n’umuco, s’abigishwa ba Kristo. S’abahirwe. Ntibariko baja mw’ijuru.

Mu gihe ca Yesu, umunyu wakoreshwa mu kubika inyama. Nk’abakurikira kandi bumvira Kristo, ni twe dushishikara kuzigama iyi si y’ivyaha ngo ntirandurwe na bugingo n’ubu. Tugize ingeso z’ab’isi, “ntaco tuzoba tukimaze” (akar. Ka 13). Yesu aragabisha abahirwe ngo bazigame uburyohe, ni zo ngeso zabo nziza zidasanzwe. Bategerezwa gutandukana n’isi ibakikuje kugira ngo ntibatakaze “uburyohe bwabo,” ngo bahave “batabwa hanze bakandagirwe n’abantu.” Iyi nkebuzo ni imwe muri nyinshi zivuga k’ugusubira inyuma kw’umukristo mw’Isezerano Rishasha. Nimba umunyu ari umunyu koko, utegerezwa kugira uburyohe, abakurikira Yesu nabo babaho nk’abakurikira Yesu nyene. Ahandi ho ntibashobora kuba abigishwa ba Yesu n’aho boba baravyigeze.

Abakurikira Kristo mu kuri ni umuco w’isi. Umuco wama ubonesha. Igihe utabonesha, ntuba ukiri umuco. Umuco ni ibikorwa vyacu vyiza (raba Mat. 5:16). Yesu ntiyabwiye abatagira ibikorwa ngo bihayagize, yahanuye abafise ibikorwa vyiza ntibahishe uburwaneza bwabo. Bagize bartyo, bazoba bashimagije Data wo mw’ijuru kukw’ibikorwa vyiwe ari ryo soko ry’uburwaneza bwabo. Ubu ni bwo buryo bwiza bwo gutahura igikorwa c’ubuntu bw’Imana n’ugukorana kwacu na we; vyompi ni nkenerwa ku muntu wese ashaka kwezwa.

Gucudika n’Abakurikira Yesu

(Relationship to Christ’s Followers)

Dutanguye igice gishasha. Ni igice gikomeye cane, ni intangamarara ngira kamaro cane kukw’itwibutsa ivyo Kristo yavuze mu nsiguro yiwe.

Ntimugire ngo naje gusenyura ivyagezwe cank’amajambo y’abavugishwa n’Imana. Si naje kubisenyura, naje kubishitsa. Ndababwire ukuri, Gushits’ah’ijuru n’isi bizoviraho, nta kanyuguti na kamwe cank’akazatsa bizova ku vyagezwe, gushitsa aho vyose bizoheraherezwa. N’uk’uzorenga ibwirizwa na rimwe ryo mu yoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abantu ngo bagire bartyo, mu bwami bwo mw’ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Arik’uwuyitondera, akayigisha, uyo we azokwitwa mukuru mu bwami bwo mw’ijuru. Ariko ndababwira yuk’ukugororoka kwanyu ni kutaruta ukw’abanyabwenge b’ivyanditswe n’ukw’Abafarisayo, mutazoruha mwinjira mu bwami bwo mw’ijuru (Mat. 5:17-20).

Nimba Yesu yagabishije abantu bariko baramwumviriza ngo ntibiyumvire ko yaje gusenyura ivyagezwe n’amajambo y’abavugishwa n’Imana, bisigura ko bamwe mu bariko baramwumviriza ari ko biyumvira. Icatuma biyumvira gurtyo turashobora kuciyumvira natwe. Kumbure Yesu yarikw’arihanikiriza abigisha ivyagezwe n’Abafarisayo kuko bamurega yukw’ariko asenya ivyagezwe n’amajambo y’abavugishwa n’Imana.

N’aho bimeze gurtyo, Yesu yagombakw’abigishwa biwe batahura kw’ivyo vyiyumviro ari bibi. Niwe yahumekeye isezerano rya kera ryose, ntashobora gusenyura ivyo yavugiye muri Mose n’abavugishwa n’Imana. Ahubwo, nk’uko yabivuze, yazanywe no gushitsa ivyagezwe n’amajambo y’abavugishwa n’Imana.

None yaje gushitsa gute ivyagezwe n’amajambo y’abavugishwa n’Imana? Bamwe biyumvira ko Yesu yarikw’avuga kwaje gushitsa ivyavugishijwe kuri Mesiya. N’aho yabishikije (cank’azobandanya kubishitsa), s’ivyo gusa vyamuzanye. Hari iyindi mirongo yerekana ko yaje gushitsa ivyanditswe vyose n’amajambo y’abavugishwa n’Imana, n’“akanyuguti cank’akazatsa” (akar.18) k’ivyagezwe, n’amabwirizwa “mato” kuruta ayandi yose (akar.19).

Hari abandi biyumvira ko Yesu yavuzekw’aje gushitsa ivyanditswe mu gushitsa ico ivyagezwe bidusaba mu kwitanga kwiwe gushika no ku rupfu (raba Rom.8:4). Arikw’ivyo, nkukw’iyindi mirongo ivyerekana, sivyo yar’afise mu ciyumviro. Mu mirongo ikurikira, ntahantu na hamwe Yesu yavuzeko ubugingo cank’urupfu rwiwe bifitaniye isano n’igikorwa co gushitsa ivyagezwe. Ahubwo, ku murongo ukurikirana uwo twasomye, yavuze kw’ivyagezwe bizokwubahwa gushika ah’”ijuru n’isi bizokurwaho”, har’imirongo yerekana ko bishika inyuma y’urupfu rwiwe. Ingene abantu biyumvira bizotuma baja canke bataja mw’ijuru (akar.19), kandi kw’abantu bategerezwa kwubaha ivyagezwe kuruta abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo ahandi ho ntibazokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru (akar. 20).

Nta nkeka, hamwe n’ugushitsa ivyavugishijwe kuri Mesiya n’ibigereranyo vyiwe dusanga muri Bibiliya, Yesu yashaka kw’abamwumviriza bitondera ivyagezwe no gukora ivyavugishijwe n’Imana. Mu buryo bumwe, Yesu yaje gushitsa ivyagezwe mu guhishura ico Imana yabishiriyeho, kubisobanura no kuvyunganira kugira ngw’ababwirwa bashobore gutahura.

[2]

Ijambo ry’ikigiriki ryasobanuwemwo ijambo gushitsa riri ku karongo ka 17 ni guheraheza, gusozera, kwuzuza, kurangura. Ivyo ni vyo Yesu yaje kugira, nk’uko ayo majambo ibisobanura.

Yesu ntiyazanywe no gusenyura ivyagezwe n’amajambo y’abavugishwa n’Imana, ahubwo yazanywe no kuyashitsa, “kuyuzuza no kuyasozera”. Igihe nigisha iki gice c’insiguro yo ku musozi, nkunda kwereka abantu ikirawuri c’amazi ndakigereranya n’uguhishurirwa Imana yatanze mw’isezerano rya kera icishirije mu bavugishwa n’Imana. Yesu ntiyaje gusenyura ivyagezwe n’amajambo y’abavugishwa n’Imana (nca ngira nk’uwugomba kujugunya ca kirawuri kirimw’amazi make). Ahubwo, yazanywe no kubishitsa (ni ho nca mfata icupa ry’amazi nkuzuza ca kirawuri gushitsa kikanengesera). Ni ho abantu baca batahura ivyo Yesu yavuze.

Akamaro ko Kwitondera Ivyagezwe (The Importance of Keeping the Law)

Kuvyerekeye kwitondera ivyo dusanga mu vyagezwe n’amajambo y’abavugishwa n’Imana, Yesu ntiyari gushobora kubibuganiza abantu. Yari yiteze kw’abigishwa biwe bamwumvira. Kanatsinda, uburyo bitondera ivyagezwe bifitaniye isano rinini n’ivy’icaro bazogira mw’ijuru: “ Nuk’ uzorenga ibwirizwa na rimwe ryo mu yoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abantu ngo bagire bartyo, mu bwami bwo mw’ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Arik’uwuyitondera, akayigisha, uyo we azokwitwa mukuru mu bwami bwo mw’ijuru” (5:19).

Umurongo wa 20: “Ariko ndababwira yuk’ukugororoka kwanyu ni kutaruta ukw’abanyabwenge b’ivyanditswe n’ukw’Abafarisayo, mutazoruha mwinjira mu bwami bwo mw’ijuru.”

Menya kw’izi atari inyigisho nshasha, ahubwo ni incamake kubera akajambo ariko. Urabona akamaro ko kwitondera ivyagezwe? Dutegerezwa kuvyitondera kuruta abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo nimba dushaka ubwami bwo mw’ijuru. Yesu ntiyari kure ya ya nyigisho yiwe—Abafise imitima itanduye ni bo bazoragwa ubwami bw’Imana.

Kiretse ahisemwo kurwanya Kristo, umukozi agira abigishwa ntashobora kwemeza umuntu kw’afise agakiza mu gihe ukugororoka kw’uyo muntu kutaruta ukw’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo.

Ni Ukuhe Kugororoka Yesu Yavuga?

(Of What Kind of Righteousness Was Jesus Speaking?)

Igihe Yesu yavuga yuko ukugororoka kwacu gutegerezwa kuruta ukw’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, ntiyarikw’avuga ku gihagararo co kugororoka twahawe nk’ingabire? Oya, sivyo kubera imvo idasanzwe. Ica mbere, iyindi mirongo ntiyemeranya n’iyo nsobanuro. Imbere n’inyuma y’iryo jambo (no mu nsiguro yiwe yose ku mu musozi), Yesu yavuga ku vyerekeye kwitondera amabwirizwa, ni ukugendera mu kugororoka. Intumbero y’amajambo yiwe ni uko tugendera mu kugororoka kuruta abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo. Kugira abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo icitegerezo c’ukwera ni ubujuju butagira izina. Mbega s’ubujuju kwiyumvira ko Yesu yarikw’acira imanza abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo ku vyaha adashobora gucirakw’imanza abigishwa biwe igihe bobikoze ngo ni uko bagize rya “sengesho ryo kwakira agakiza”

[3]

 

Ingorane yacu ni uko tudashaka kwemera insobanuro kama y’uyu murongo, kukw’iyo nsobanuro isa n’ukugendera mu vyagezwe. Arikw’ingorane nyakuri ni uko tudashobora gutahura isano riri hagati yo guharurwako ukugororoka no kugendera ukugororoka. Intumwa Yohana yarabitahuye. Yanditse ati: “Bana bato, ntihakagire uwubazimiza: uwukora ibigororotse ni we agororoka, nk’uk’uwo agororoka” (1 Yohana 3:7). Canke ntidutahura isano riri hagati yo kuvuka ubwa kabiri no kugendera ukugororoka nka Yohana: “Uwukora ivy’ukugororoka wese yavyawe na we” (1 Yohana 2:29).

Yesu yari gushobora kwongera ku majambo yiwe yo kuri 5:20, “kand’iyo mwihanye, muba muvutse ubwa kabiri, muhabwa ingabire yanje yo kugororoka mu kwizera, ukugendera mu bugororotsi kwanyu kuzoruta ukw’abanyabwenge b’ivyanditswe n’ukw’Abafarisayo igihe mwemeye gukorana na Mpwemu wanje aba muri mwebwe.”

Kwera Kuruta Abanyabwenge b’Ivyanditswe n’Abafarisayo

(How to be Holier than the Scribes and Pharisees)

Inyishu iza mu bwenge kubera amajambo ya Yesu dusanga kuri 5:20 ni: mbeg’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo bageza hehe kwera? Inyishu ni: si kure.

Ikindi gihe, Yesu yabise “imva zihomeshejwe ingwa, ziboneka inyuma zikuyengeje, arikw’imbere zuzuye amagupfa y’abapfuye n’ibihumanya vyose” (Mat. 23:27). Ni vyo, hanze baboneka ko bagororotse, imbere ari babi. Baragerageje kwitondera inyuguti z’ivyagezwe, ariko bibagira impwemu yavyo, bironderera ibituma mu guhindura canke kwonona amabwirizwa y’Imana.

Uyu mugaga w’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo ukurwaho n’inyigisho za Yesu dusanga muri iyi nsiguro yo ku musozi. Tubonako yavuga amabwirizwa y’Imana azwi cane, kand’inyuma y’ibwirizwa ryose, yerekana itandukaniro riri hagati yo kwitondera inyuguti z’ivyagezwe n’impwemu yavyo. Yabigira ngo yerekana inyigisho z’ibinyoma n’uburyarya bw’abanyebwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, kandi yarahishura ico yiteze ku bigishwa biwe.

Yesu yatanguza iryungane ryose n’ijambo, “Mwarumvise.” Bishoboka ko yabwira abantu batigeze gusoma ivyanditwe, ariko bumva abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo basoma imizingo y’Isezerano rya Kera mu masinagogi. Twovuga kw’abantu bamwe bari bamenyere kwicara bumviriza inyigisho z’ibinyoma igihe cose bumviriza abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, abo ni bo bahindura insobanuro y’ijambo ry’Imana no kugendera mu ngeso zabo mbi.

Mukundane Kuruta Abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo

(Love Each Other, Unlike the Scribes and Pharisees)

Mu gukoresha ibwirizwa rya gatandatu nk’urufatiro rwiwe, Yesu atangura kwigisha abigishwa biwe ic’Imana ibashakako. Yabigize yerekana uburyarya bw’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo.

Mwarumvise kw’abakera babwiwe, “ngo Ntukice”: “uwica aba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza.” Ariko jeho ndababwira yuk’umuntu wese azorakira mugenzi we azoba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza; uwuzotuka mugenzi we, ngo “wa kijuju we!” Azoba ashikiwe no gucibwa kw’iteka; uwuzomutuka, “ati wa gipfu we!” Azoba ashikiwe no gutabwa mu muriro wa Gehinomu (Mat. 5:21-22).

Ica mbere, menya ko Yesu yabagabisha ku bintu bishobora gutuma umuntu aja muri Gehinomu. Ni yo nsiguro yiwe ya mbere—abafise imitima itanduye gusa ni bo bazoragwa ubwami bw’Imana.

Abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo babuza abantu kwica, mu gusoma ibwirizwa rya gatandatu, kuko kwica bishobora gutuma umuntu atabwa mu vyuto.

Yesu yagomba kw’abigishwa biwe bamenya ico abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo batabona—har’ivyaha “bitobito” bishobora gutuma umuntu atsindwa muri sentare y’Imana. Kubera kw’ari nkenerwa cane gukundana (ibwirizwa rikuru rya kabiri), igihe dushavuriye mwene Data dutegerezwa kumenya ko tuzokwitaba muri sentare y’Imana. Igihe ishavu ryacu turisohoye mu majambo mabi, icaha kirongerekana, kandi dutegerezwa kumenya ko tuzorengutswa muri sentare y’Imana. Iyo tubandanije, tugatukana, Imana idufata nk’abanyavyaha bakwiriye gutabwa muri Gehinomu!

[4]

Birakomeye!

Imigenderanire dufitaniye n’Imana ibonekera mu migenderanire dufitaniye na bene Data. Iyo twanka mwene Data, nta bugingo budashira dufise. Yohana yanditse ati,

Uwanka mwene Data wundi ni umwicanyi; kandi murazi yukw’ata mwicanyi yogira ubugingo budashira ngo bugume muri we (1 Yohana 3:15).

Umuntu ni yavuga ati “Nkunda Imana”, akanka mwene Data wundi, aba ari umubeshi; kand’uwudakunda mwene Data yabonye ntashobora gukunda Imana atabonye (1 Yohana 4:20).

Nk’uko Yesu yabitegetse, dutegerezwa gukundana no kwiyuzuza igihe twacumuye kuri mwene Data wundi (raba Mat. 18:15-17).

Yesu arabandanya ati:

Ni wajana ishikanwa ryawe ku gicaniro, ukahibukira kw’arih’icupfa na mugenzawe, usige ishikanwa ryawe imbere y’igicaniro, ubanze ugende wikiranure na mugenzawe, uce ugaruka, ushikane ishikanwa ryawe (Mat. 5:23-24).

Bisigura kw’igihe imigenderanire yacu na bene Data itari mwiza, imigenderanire yacu n’Imana si myiza. Abafarisayo bagawe kuko bitwararika ivy’igiciro gitoya bakirengagiza ivy’igiciro kinini, “bamimina agatuku, bakayongobeza ingamiya” (Mat. 23:23-24). Bashimikira ku bigiracumi n’amashikanwa bakibagira ibikenewe cane, ni ibwirizwa rikuru rya kabiri, gukunda mugenzi wawe nk’uko wikunda. Mbega uburyarya bwo gushikanira Imana ng’uyeretse urukundo uyikunda kand’uriko urahonyanga ibwirizwa ryayo rikuru rya kabiri.

Tukiri kur’iyo nyigisho ya sentare y’Imana, Yesu abandanya avuga ati:

Wuzure vuba n’uwukurega mukiri mu nzira; uwukurega ntagushikirize umucamanza. Umucamanza akaguha umusoda, ugashirwa mw’ibohero. Ndakubwira ukuri yuk’utazohava na gatoya utishuye n’ikuta ry’imperera (Mat. 5:23-26).

Twirinde cane kuja muri sentare y’Imana mu kugiriranira amahoro na bene Data uko dushobora kwose. Iyo mwene Data adushavuriye tukanka kwihuza nawe “tuba dufashe inzira ijana kuri sentare” guhagarara imbere y’Imana, kandi ntihazobura ukwicuza. Ivyo ntibitandukanye na wa mugani w’umushumba mubi dusanga muri Matayo 18:23-35. umukozi yagiriwe imbabazi akanka kuzigirira uwuzimusavye bituma yishuzwa imyenda yari amaze guheberwa, ashikirizwa “abasoda” ngw “arihe ivyo aheranye vyose” (Mat. 18:34). Aha Yesu aragabisha abantu ku ngaruka mbi z’ibihe bidashira zizanwa n’ukudakunda bene Data canke ukudaharira.

Mwirinde Gusambana Kuruta Abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo

(Be Sexually Pure, Unlike the Scribes and Pharisees)

Ibwirizwa ry’indwi ni ryo Yesu yatanzekw’akarorero k’ingene abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo bitondera inyuguti z’ivyagezwe kuruta impwem yavyo. Yesu yagomba kw’abigishwa biwe birinda gusambana kuruta abanyabwenge n’Abafarisayo.

Mwarumvise ko vyavuzwe ngo, “Ntu gasambane”; ariko jeho ndababwira yuk’umuntu wese araba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe. Ijisho ryawe ry’iburyo ni ryagutsitaza, urinogore, urite kure: vyokubera vyiza gupfa ijisho ryawe rimwe, hak’umubiri wawe wose utabwa muri Gehinomu. N’ukuboko kwawe kw’iburyo ni kwagutsitaza, uguce igikonjo, ugite kure: vyokubera vyiza gupfa urugingo rwawe rumwe, hak’umubiri wawe wose woja muri Gehinomu (Mat. 5:27-30).

Menya kandi ko no ngaha Yesu akiri ku nyigisho yiwe ya mbere—abafise imitima itanduye ni bo bazoragwa ubwami bw’Imana. Yabwiye abantu ku vyerekeye Gehinomu n’ico bokora kugira ntibahonereyo.

Abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo ntibashobora kwibagira ibwirizwa ry’indwi, ni co gituma baboneka nk’abaryubahiriza, bakigira abizigirwa ku bagore babo. Ariko barangwa no gusambanya abandi bagore. Mu vyiyumviro vyabo barashobora kwambura impuzu abagore bahurira mu tuguriro. Basambanira mu mitima yabo, ni ho barenga ku mpwemu y’ibwirizwa ry’indwi. Ni bangahe dufise mw’ishengero bameze nk’abo basambanyi karuhariwe?

Imana yagomba kw’abantu birinda ubusambanyi. Ni bibi gusambanya umugore w’umubanyi canke uwo wese mutubakanye, ni bibi kwiyumvira gusambana na we. Yesu ntiyariko yongera imitwaro ku mabwirizwa yahaye Mose. Ibwirizwa rya cumi rirabuza ukwifuza: “Ntukifuze umugore w’umubanyi wawe” (Kuv. 20:17).

Hari abantu banyuzwe n’inyigisho za Yesu. Mbega bishitse baca bakora iki? Baca bihana nk’uko Yesu yavyigisha. Abifuza bategerezwa guhagarika ukwifuza kwabo hatisunzwe inyungu bakuramwo kukw’abifuza bazoja muri Gehinomu.

Nta muntu muzima yovugako Yesu yigisha abantu kwinogora amaso canke kwica ibikonjo. Uwifuza n’aho yokwinogora ijisho acika uwifuza w’ijisho rimwe. Uwifuza yica igikonjo, aguma yifuza n’ahw’afise ukuboko kumwe! Yesu yariko yerekana mu buryo bwisanzuye igiciro co kwumvira impwemu y’icagezwe c’indwi. Ijuru rihagaze ngaho.

Akurikije akarorero ka Kristo, umukozi agira abigishwa azohanura abigishwa biwe “bacacure” ibitsitaza vyose. Ari urutsinga rw’imbonesha kure, rutegerezwa gusokorwa. Ari imbonesha kure ubwayo, itegerezwa kuzima. Ari ikinyamakuru, utegerezwa kugiheba. Ari bwa buhinga bwa none bwitwa internet, butegerezwa guhindurwa. Ari idirisha ryuguruye, ryugarwe. Nta kintu na kimwe mur’ivyo kiruta ijuru, kandi kubera yuk’umukozi agira abigishwa ategerezwa gukunda intama ziwe, azozigabisha nk’uko Yesu yabigiriye abigishwa biwe.

Iyindi Nzira yo Gusambana (Another Way to Commit Adultery)

Akarorero ka Yesu gakurikira kagomba gusa n’ako duhejeje kuraba, kumbure ni co gituma bikurikirana. Ntitwiyumvire kw’ari inyigisho yiyongeyeko. Ni “ikindi kintu Abafarisayo bakora kingana no gusambana.”

Kandi vyaravuzwe ngw’ “Umuntu wese yirukana umugore wiwe n’amuhe icete co kuvavanura”; Ariko jeho ndababwira yuk’umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, aba amusambanishije: kand’uwabira uwahukanye azoba asambanye (Mat. 5:31-32).

Ng’ak’akarorero k’ingene abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo bahindura ivyagezwe vy’Imana kugira ngo biborohereze mu buzima bwabo.

Dufate akarorero k’Umufarisayo wo mu gihe ca Yesu. Uyo mugabo afise umugore w’akaranga yifuza kw’ibarabara akunda gucako. Ukw’amukubise ijisho ni kw’amwifuza. Wa mugore aratanguye kumwiyegereza, umugabo nawe ati, urakaza neza. Atanguye kwifuza ico mumwereka ari amenya, ivyiyumviro vyiwe bitanguye kumwereka bariko barasambana. Ngw’ese ico mumpa!

Ariko uyu mugabo arafise ingorane. Arubatse, idini ryiwe riramubuza gusambanya. Ntashaka kurenga ibwirizwa ry’indwi (n’aho yama arirenga ukw’amwifuje kwose). None yokora iki?

Har’ihw’inyishu! Iyaba yarahukanye na wa mugore asigaye yita mubi, yorongoye uwuri mu ciyumviro ciwe! Mbega none biremewe kwahukana? Wa mufarisayo at’Ego cane! Mbega har’icagezwe conshigikira! Nawe ati Gusubira mu vyagezwe 24:1 havuga ko woha umugore wawe icete co kwahukana umwirukanye. Kwahukana birashobora kwemerwa mu gihe kanaka! Ni ryari none? Aratanguye gusoma ivy’Imana yavuze:

Umuntu ni yarongora umugeni, hanyuma ntamushime, kuko har’igiteye isoni yamubonyeko, amwandikire icete co kuvavanura, akimuhe, amwirukane mu rugo rwiwe… (Gus. 24:1).

Aha! Arashobora kumwirukana igihe amubonyeko igiteye isoni! Kand’arafise ic’abona! Nta nganya akaranga na wa wundi aba kw’ibarabara ryo hepfo yanje! (Aka karorero s’aka kure. Rabbi Hillel yari afise inyigisho ziharawe ku vyo kwahukana mu gihe ca Yesu. Umugabo yarashobora kwahukana bikemerwa igihe abonye uwundi mugore asumba akaranga umwe wa mbere. Uyo mugore yaca abonekako “igiteye isoni”. Rabbi Hillel yarigisha kandi k’umugabo ashobora kwirukana umugore wiwe igihe yarunze umunyu mwinshi, cank’avuganye n’uwundi mugabo, cank’atavyara abahungu.)

Wa mufarisayo araronse uburenganzira bwo kwirukana mukiwe no kumuha icete co kuvavanura ngo yirongorere wa mugore yifuza. Ivyo vyose abigize ata jwi rimwagiriza kuko yiyumvira ko yumviye ivyanditswe!

Indabo Nshasha (A Different View)

Imana ntiraba nk’abantu. Ntiyigeze isobanura ”igiteye isoni”kivugwa mu Gusubira mu vyagezwe 24:1-4. Ntiyatomoye ngw’ivuge imvo nyakuri yo kwahukana. Iki canditswe ntikivuga k’ukwahukana vyemerwa ryari. Kibuza gusa k’umugore yahukanye rimwe canke kabiri cank’ar’umupfakazi gusubira kurongorwa n’umugabo yamwirukanye. Kuvuga kw’igihe ari “igiteye isoni” kanaka mu nyonga z’Imana ni ho kwahukana vyemerwa ni nko kuvugisha ivyanditswe ico bitagomba kuvuga.

Uko bimeze kwose, mu ciyumviro c’Imana, wa muntu twafashe ko akarorero ntaho atandukaniye n’umusambanyi. Yarenze ibwirizwa ry’indwi. Mbere, aruta n’abasambanyi basanzwe, kuko yagirizwa “gusambana kabiri.” None bimeze gute? Ubwa mbere, ubwiwe aramaze gusambana. Mu nyuma Yesu yavuze ati, “Umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, akabira uwundi, aba asambanye” (Mat. 19:9).

Ubwa kabiri, umugore wiwe yahukanye ategerezwa kurondera uwundi mugabo bazobana mu buzima. Mu ciyumviro c’Imana biboneka ko wa mufarisayo yategetse umugore wiwe gusambana n’uwundi mugabo. Ni we yatumye mukiwe “asambana” (Mat. 5:32, hashimikiwe ku nsobanuro).

Yesu ashobora kuba yarikw’aharura icaha c’“ubusambanyi incuro gatatu” nimba amajambo yiwe, “umuntu wese arongora umugore yahukanye aba asambanye” (Mat. 5:32), bisigura yukw’Imana imuharurako n’icaha c’umugabo yarongoye uwahoze ari mukiwe.

[5]

 

Ibi vyarimw’ibihari mu gihe ca Yesu, hari ahandi hantu abafarisayo baza kumubaza, “Mbega biremerwa k’umuntu yirukana umugore wiwe kubw’inyanduruko y’ikintu cose?” (Mat. 19:3). Iki kibazo gihishura imitima yabo. Biragaragara, n’imiburiburi bamwe muri bo bashaka kwizera k’ukwahukana vyemewe n’amategeko.

Ntegerezwa kandi kuvuga ko biteye isoni kubona ingene abakristo bishimira iyi mirongo mu kwahukana, bayisobanura nabi, bakikoreza abana b’Imana imitwaro. Yesu ntiyarikw’avuga umukristo yahukanye atarakizwa, arongora canke arongorwa amaze gukizwa. Ubwo s’ubusambanyi. Nimba ivyo ari vyo Yesu yavuze, dutegerezwa guhindura ubutumwa bwiza, kuko ntibuzoba bugishobye kuzanira imbabazi abanyavyaha bihanye. Twoca twigisha duti, “Yesu yapfuye kubwawe, ihane umwizere ivyaha vyawe vyose guharirwa. Nimba umaze kwahukana, ni wirinde ntuzosubire kurongora kuko woba usambanye. Bibiliya yigisha kw’abasambanyi bazoherera mu muriro. Nimba warahukanye ugasubira kurongora utarakizwa, utegerezwa gukora ikindi caha kimwe co kwahukana n’uwo mwubakanye ubu kukw’atari rwawe. Utagize gurtyo uzoba uriko ugendera mu busambanyi kandi abasambanyi ntibakijijwe.”

[6]

Wumva ubwo ari ubutumwa bwiza?

[7]

 

Ba Imvugakuri, Ntube Nk’Abanyebwenge b’Ivyanditswe n’Abafarisayo

(Be Honest, Unlike the Scribes and Pharisees)

Akarorero ka gatatu Yesu yatanze avuga ku ngeso y’uburyarya no kurenga amabwirizwa kw’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo ari igihushane c’itegeko ry’Imana ryo kuba imvugakuri. Abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo bari barashinze uburyo bushasha bwo kubesha. Muri Matayo 23:16-22 bavugako bashobora kudashitsa indahiro yabo igihe barahiye ku ngoro, igicaniro, cank’ijuru. Ariko, igihe barahiye ku nzahabu zo mu ngoro, amashikanwa yo ku gicaniro, cank’Imana yo mw’ijuru, bategerezwa gushitsa ivyo basezeranye! Bisa n’umuntu akuze yiyumvirako igihe asobanije intoke ku mugongo adashobora kuvuga ukuri. Yesu ategeka abigishwa biwe kuvuga ukuri

Mwarumvise kandi kw’abakera babwiwe, ngo “Ntukarahire wirahuruze, arik’uzo korere Uhoraho ivyo wamusezeraniye.” Ariko jeho ndababwire, ntukarahire namba; nturahire ijuru, kukw’ar’intebe y’Imana; cank’isi, kukw’ari yo ndava y’ibirenge vyayo; cank’i Yerusalemu, kukw’ar’umurwa w’Umwami ahambaye. Nturahire umutwe wawe, kuko udashobora guhindura agashatsi na kamwe ngo kere canke kirabure. Arikw’ijambo ryanyu ribe “Ego, ego” cank’”Oya, oya” ikirenze ivyo kiva kuri wa Mubi (Mat. 5:33-37).

Ibwirizwa ry’Imana rivuga ivy’indahiro ntiryigeze kuvuga ivy’ukurahira kw’izina ry’ikintu na kimwe. Imana yashaka kw’abantu bayo bavuga ukuri umwanya wose, bimeze gurtyo nta muntu yoba akeneye kurahira.

Nta kibi kiri mu gusezerana. Isezerano ringana n’indahiro. Kanatsinda, indahiro yo kwihebera Imana ni nziza cane. Agakiza kazanwa n’indahiro yo gukurikira Yesu. Arikw’igihe abantu batanguye kurahira mu mazina y’ibintu kugira ngw’abantu biwere ivyo tuvuze, ni ikimenyetso kigaragarira bose ko harimwo kubesha. Imvuga kuri ntizirinda kurahira ngo zemeze abantu.

Ingeso y’umukozi agira abigishwa ni yo ituma abigishwa biwe bavuga ukuri. Araziko Yohana yagabishije ababeshi bose ababwira ku bazotabwa mu muriro (raba Ivyah. 21:8).

Ntukihore, nk’Abanyabwenge b’Ivyanditswe n’Abafarisayo

(Don’t Take Revenge, as do the Scribes and Pharisees)

Igikurikira kuri rwa rutonde rwiwe rw’ingeso z’Abafarisayo zimubabaza tugisanga ku murongo ukurikira.

Mwarumvise ko vyavuzwe, “ngw’ijisho rihorwe irindi, n’iryinyo rihorwe irindi” ariko jeho ndababwira ntimukarwanye umunyakibi; Uwugukubise urushi mu musaya w’i buryo umuhindukirize n’uwundi; Umuntu ni yagomba kukuburanya ngw’akunyage ipfundo, umuhebere n’umutamana; uwugufata ngo umurenze umusozi umwe, umurenze n’uwa kabiri, uwugusaba, umuhe, uwugomba kukugurana, ntu mutere ibitugu” (Mat. 5:38-42).

Ivyagezwe vya Mose bivuga yuk’umuntu yitwariwe muri Sentere kuko yatukanye, igihano ciwe gitegerezwa kungana n’icaha yakuze. Ahongoye umuntu iryinyo, ubutungane bukurikijwe, na we ategerezwa guhongorwa irindi. Iki cagezwe catanzwe kugira ngw’ivyaha binibini bishikirizwe ubutungane. Imana yashizeho amasentare n’abacamanza igihe c’ivyagezwe kugira ngw’ivyaha biranduranwe n’imizi, ubutungane bukore igikorwa cabwo, agatima ko kwihorana gateshwe gate. Kandi Imana yategetse kw’abacamaza batagira aho bahengamiye igihe baca imanza. Bategerezwa gushitsa icagezwe “ijisho ku rindi n’iryinyo ku rindi” arikw’ayo majambo tuyasanga mu vyanditswe vyerekana ivy’imanza zicirwa muri sentare.

Ubugira kandi, n’aho nyene, abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo barahinduye ico cagezwe, bagihinduramw’icagezwe ceranda co kwihora. Bacitse abantu “batihanganirana”, bihorana no ku tuntu dutoduto.

Imana yamwe yitega vyinshi ku bantu bayo. Yarababujije Kwihora (raba Gus. 32:35). Isezerano rya kera ryerekana kw’abantu b’Imana bategerezwa kugirira imbabazi abansi babo (raba Kuv. 23:4-5; Imig. 25:21-22). Yesu yunganiye iyi nyigisho mu kubwira abigishwa biwe bazohore bahindukiza uwundi musaya, bagenda umusozi wa kabiri igihe bahanganye n’abanyakibi. Igihe ducumuweko, Imana igomba ko dutanga imbabazi, dusubize iciza abatugiriye nabi.

Mbega Yesu agomba ko twemerera abantu kutunyaga turorera, dusahurwe urukombamazi? Ni bibi kwitwarira uwutizera muri sentare? Oya. Yesu ntiyarikw’atubuza gutaka ubutungane igihe turenganijwe, ahubwo yanseko twihora, ikosha ari ritoya canke rinini. Menya ko Yesu atatubwiye kwemerera abaduhotora izosi uko bashaka. Ntiyavuze k’umuntu atunyaze imodoka duca tumuhebera n’inzu turimwo. Yesu yarikw’atubwira ko tugira imbabazi no kwihangana cane uko duhura n’ibitugerageza n’ibibi dukorerwa uko bukeye uko bwije. Agomba ko tuba agahore kuruta ukw’abantu batwiyumvira. Ico citegerezo, abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo ntaco bafise.

Ni kuki abiyita abakristo benshi batsitazwa n’ubusa? Ni kuki barakazwa n’utuntu dutoduto tudashobora kugereranywa no gukubitwa ku musaya? Mbega barakijijwe? Umukozi agira abigishwa aba icitegerezo mu guhindukiza uwundi musaya, kandi yigisha abigishwa biwe kugira nkawe.

Ntiwanke Abansi Bawe, nk’Abanyabwenge b’Ivyanditswe n’Abafarisayo

(Don’t Hate Your Enemies, as do the Scribes and Pharisees)

Ubwa nyuma, Yesu aravuga ikindi cagezwe c’Imana cahinduwe n’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo nk’ukw’imitima yabo iri.

Mwarumvise ko vyavuzwe ngo “Mukunde bagenzi banyu, mwanke abansi banyu.” Ariko jeho ndababwire, mukunde abansi banyu, musabire ababahama, kugira ngo mube abana ba So wo mw’ijuru, kukw’atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza, kand’aha imvura abagororotsi n’abagabitanya. Ni mwakunda ababakunda, muri n’impera ki? Mbeg’abatoza kori bo si ko bagira? Ni mwaramukanya n’incuti zanyu gusa, abandi muzoba mubarusha iki? Abanyamahanga bo si ko bagira? Mwebwe ni mube agahore, nkuk’uko So wo mw’ijuru ari agahore (Mat. 5:43-48).

Mw’isezerano rya Kera, Imana yaravuze iti, “Mukunde bagenzi banyu nkuko mwikunda” (Lew. 19:18), abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo basobanuye ko umugenzi ari umuntu abakunda. Abasigaye bose ni abansi, ngw’Imana yavuze ko dukunda ababanyi bacu gusa, birumvikana ko dushobora kwanka abansi bacu. Dufatiye ku vyo Yesu yavuze, ivyo si vyo Imana yari itumbereye.

Niho Yesu yabacira umugani w’Umusamariya w’imbabazi werekana ko dutegerezwa gufata umuntu wese nk’umubanyi wacu.

[8]

Imana ishaka ko dukunda abantu bose, abansi bacu barimwo. Ni co citegerezo c’abana b’Imana, na we ubwiwe aracitondera. Ntarungika imvura n’izuba ryiwe mu mirima y’abagororotsi gusa, ariko n’iy’abagabitanya. Dutegerezwa gukurikira akarorero kiwe, tukagirira ubuntu canecane abantu batoya cane. Tubikoze gurtyo, twerekana ko “turi abana ba Data wo mw’ijuru” (Mat. 5:45). Abavutse ubwa kabiri bakora nk’ivyo Se akora.

Urukundo Imana yacu igomba ko tugirira abansi bacu s’urushigikira canke ngo rwifatanye n’ububi bwabo. Imana ntishaka ko twihambira turondera ubucuti n’abantu baturwanya. Ntishaka ko tubesha tuvuga kw’abansi bacu ari abantu beza cane. Arikw’ishaka ko tubagirira imbabazi tukagira ibishoboka vyose ngo tubababarire, n’imiburiburi tukabaramutsa no kubasengera.

Menya ko Yesu yasubiye gushimangira ya nsiguro yiwe ya mbere—abafise imitima itanduye gusa ni bo bazoragwa ubwami bw’Imana. Yabwiye abigishwa biwe ko ni bakunda ababakunda gusa, ntaco bazoba barushije abanyamahanga n’abatoza kori, ubwo ni bwo bwoko bubiri bw’abantu umuyuda wese yar’azi ko bubikiwe kuja i kuzimu. Yar’iyindi nzira yo kuvuga kw’abantu bakunda ababakunda gusa bazoja i kuzimu.

Kora Iciza n’Umutima Mwiza, Ntube nk’Abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo

(Do Good for the Right Motives, Unlike the Scribes and Pharisees)

Yesu ntashaka gusa kw’abigishwa biwe baba abera, ashaka ko bagira n’intumbero nziza mu mitima yabo. Urashobora kuba wumvira Imana arikw’igihe uyumvira ufise intumbero mbi yo mu mutima birabaza Imana. Yesu yakariye abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo kuko bakora ibikorwa vyiza ngo bashimwe n’abantu (raba Mat. 23:5). Ashaka kw’abigishwa biwe baba akarorero keza.

Mwirinde ntimugakorere ivyaza vyanyu imbere y’amaso y’abantu kugira ngo babarabe; ni mwagira murtyo, ntimuzogira impera kuri So wo mw’ijuru. Ni wagira ubuntu, ntuzuvugishe inzamba imbere yawe, nkukw’indyarya zibikora mu masinogogi no mu nzira [abariko barumviriza Yesu baratahura abavugwa abaribo]. Ariko weho ni wagira ubuntu, ntumenyeshe ukubamfu kwawe ic’ukuryo kwawe gukora; kugira ng’ubuntu bwawe bugirirwe mu mpisho: kandi So, abona ibihishijwe, azoguhera (Mat. 6:1-4).

Yesu ashaka kw’abigishwa biwe bafasha aboro. Ivyagezwe ni ko bivuga (raba Kuv. 23:11; Lew. 19:10; 23:22; 25:35; Gus. 15:7-11), arikw’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo bavuza inzamba iyo bagize ubuntu, baratondeka aboro ku mirongo ngo bakire imfashanyo bagomba kubaha. Mbega abakristo badafasha aboro ni bangahe. Ntibarashikira n’intambuko y’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo. Nimba abo babikoreshwa n’umutima wo kwikunda, none abakristo birengagiza aboro bakoreshwa n’uwuhe mutima? Dufatiye ngaho, wumva ukugororoka kwabo kuruta ukw’abanya-bwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo?

Nk’uko Paulo yavuze mu 1 Ab’I Korinto 3:10-15, turashobora kugira ibikorwa vyiza n’umutima mubi. Iyo intumbero y’umutima wacu atari nziza, ibikorwa vyiza twakoze nta mpera bizohabwa. Paulo yanditse avuga k’umuntu ashobora n’ukuvuga ubutumwa bwiza afise intumbero mbi (raba Flp. 1:15-17). Nk’uko Yesu yabivuze, inzira nziza yo gusuzuma kw’intumbero yo mu mitimaywacu ari nziza ni igihe dutanga. Reka rero ukubamfu kwacu nti kumenye ico ukuryo kwacu kugize aho bishoboka hose. Umukozi agira abigishwa yigisha abigishwa biwe kugirira ubuntu aboro (kubaha ivya nkenerwa), kandi yagendera ivyo yigisha.

Gusenga no Kwisonzesha ku Ntumbero Nziza

(Prayer and Fasting for the Right Reasons)

Yesu ashaka kw’abantu bamukurikira basenga no kwisonzesha, bakabigira bahimbaza Imana, badahimbaza abantu. Batagize gurtyo, nta tandukaniro rizoba hagati y’abizera n’abatizera. Abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo basenga no kwisonzesha ngo bashimwe n’abantu, iyo mpera ni iy’igihe gito. Yesu yahanuye abigishwa biwe ati:

Iyo musenga nti mukabe nka za ndyarya, kuko bakunda gusenga bahagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, ngo biyerekane imbere y’abantu [abariko bumviriza Yesu bari bazi ababwirwa ab’ari bo]; ndababwire ukuri: Baramaze guhabwa impera zabo. Ariko weho, iy’usenga, uje haruguru mu nzu yawe, wugare urugi, usenge So aba mu mpisho, kandi So, akuboneye mu mpisho azo guhera.

Kand’iyo mwisonzesha, ntimwijirirwe nkuko za ndyarya zibigira. Kuko biyoberanya mu maso ngo babonwe n’abantu ko bisonzesheje [ubugira kandi ababwirwa bari biyizi]. Ndababwire ukuri: Baramaze guhabwa impera zabo. Ariko weho, ni wisonzesha, wisige amavuta mu mutwe, wiyuhagire mu maso, ngo ntubonwe n’abantu ko wisonzesheje, arik’ubonwe na So aba mu mpisho, kandi So, abona ivyo mu mpisho azoguhera (Mat. 6:5-6, 16-18).

Abakristo badasenga canke bisonzeshe ni bangahe?

[9]

Mbega ukugororoka kwabo kurusha gute ukw’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo bakora vyompi (n’aho babikorana intumbero mbi)?

Ijambo Kuvyo Gusenga no Kwisonzesha

(A Digression Regarding Prayer and Forgiveness)

Tukiri ngaho nyene, Yesu yarabwiye abigishwa biwe ingene basenga. Yesu agomba ko dusenga mu buryo budatukisha Se wo mw’ijuru, ku vyerekeye ivyo amaze guhishura kuri we ubwiwe. Akarorero, kubera kw’Imana izi ivyo dukenye tutarabisaba (izi ibintu vyose), ntidukwiriye gusubiramwo amajambo atagira akamaro:

Kandi ni mwasenga, nti mukabomboranye amanwa nkukw’abanyamahanga bagira: biyumvira yuko bazokwumvirwa kubw’amajambo yabo menshi. Ntimuze muse nabo ; kuko So azi ivyo mukennye mutaramusaba (Mat. 6:7-8).

Vy’ukuri, amasengesho yacu yerekana aho tugeza mu kumenya Imana. Abayizi nkukw’ihishurwa mu majambo yayo basaba kugira ng’ubugombe bwayo bube ibone gushimagizwa. Ico bipfuza kurusha ibindi vyose ni ukwera, kuyihimbaza cane. Ibi bihishurwa mu karorero ko gusenga Yesu yahaye abigishwa biwe, isengesho rya Data wa Twese, vyunganira impanuro Yesu yahaye abigishwa biwe. Rihishura ivyo yiteze ku migambi yacu n’ukwitanga kwacu:

[10]

 

Nuko musenge murtya: “Data wa twese wo mw’ijuru, izina rwawe ryubahwe, ubwami bwawe buze, ivyo ugomba bibe mw’isi nk’uko biba mw’ijuru. Uduhe ivyo kurya bidukwiriye uyu musi” (Mat. 6:7-11).

Ikintu abigishwa ba Kristo bitwararika kuruta ibindi vyose ni ukw’izina ry’Imana ryubahwa, risonerwa, rishirwa hejuru, kandi ryemerwa ko ari iryera.

Vy’ukuri, abasaba kw’izina ry’Imana ryubahwa ni abare, barubaha izina ry’Imana. Bitamewe gurtyo ni uburyarya. Iri sengesho ryerekana ko twumvira Imana nk’uko abandi bayumvira.

Igisabwa kigira kabiri dusanga mur’iryo sengesho gisa n’ica mbere: “Ubwami bwawe buze.” Iciyumviro tubona mu bwami n’uko haba Umwami aganza ubwami bwiwe. Umukirsto yigana Kristo yifuza kubona Umwami wiwe, umwe aganza ubugingo bwiwe, aganza isi yose. Kugira ngw’amavi yose azopfukamire Umwami Yesu abantu bagire ukwizera kwumvira!

Igisabwa ca gatatu cunganira ica mbere n’ica kabiri: “Ivy’ushaka bibe kw’isi, nkuko biba mw’ijuru.” Dushobora gute gusenga iryo sengesho twebwe ubwacu tutumvira ubugombe bwayo mu bugingo bwacu? Abigishwa nyabo bifuza k’ubugombe bw’Imana buba kw’isi nk’uko buri mw’ijuru—bukwiye kandi butunganye.

Kwubahiriza izina ry’Imana, k’ubugombe bwayo baba, k’ubwami bwayo buza, ni isengesho ritegerezwa kugira ikibanza kinini muri twebwe kuruta uguhabwa “ivyo kurya bidukwiriye ku musi.” Iki kintu ca kane cashizwe mu kibanza ca nyuma ku ntumbero. Nico gituma dushobora gutondeka neza ivyo dukeneye, aho ntabusambo burimwo. Abigishwa ba Kristo bakorera Imana ntibakorera amahera. Ntibirundaniriza ivy’isi.

Iki kintu ca kane ni isengesho rya buri musi, tugitangura umusi.

AKarorero ko Gusenga Karabandanya (The Model Prayer Continues)

Mbega abigishwa ba Kristo barigeze gucumura? Birashoboka ko bamwe bacumuye, kuko Yesu yabigishije gusaba imbabazi.

“Uduhebere imyenda yacu, nkuko natwe twahebeye abari n’imyenda yacu. Kandi ntutujane mu bitwosha nabi, ariko udukize wa Mubi. Kuk’ubwami n’ubushobozi n’icubahiro ar’ivyawe ibihe bidashira. Amen.” Kuko ni mwaharira abantu ivyaha vyabo, na So wo mw’ijuru azobaharira namwe. Ariko ni mutaharira abantu ivyaha vyabo, na So na we ntazobaharira ivyaha vyanyu (Mat. 6:12-15).

Abigishwa ba Yesu baratahura k’ubugarariji bwabo bubabaza Imana, igihe bacumuye, baramaramara. Bipfuza kw’ingese ikurwaho. Biranezereza kwumva ko Data wo mw’ijuru yihutira kubaharira. Ariko bategerezwa gusaba imbabazi, ni co gisabwa ca gatanu dusanga mw’isengesho rya Data wa twese.

Uguharirwa kwabo, gushimikiye ku buryo nabo baharira abandi. Kuko bahariwe vyinshi, nabo bategerezwa guharira ababasaba ikigongwe bose (gukunda no gukora ibishoboka vyose ngo bihuze n’abatavyitaho). Iyo banse guharira, Imana na yo ntibaharira.

Igisabwa ca gatandatu ari na co ca nyuma, cerekana ko umwigishwa nyakuri agerageza kwama yejejwe: “Ntutujane mu bitwosha nabi , arik’udukize wa Mubi.” Abigishwa nya kuri bifuza cane ukwera gushika aho basaba Imana ntibajane mu bintu vyoberageza, bakagwa mu caha. Vyongeye, barasaba kw’Imana ibarokora mu bibi bibizingiyeko. Iri isengesho riragutse kand’umuntu ashobora kurivuga igihe cose atanguye umusi mushasha, tutarinjira mw’isi yuzuye ikibi n’ibigeragezo. Imana yo idutegeka kurisenga, irafise inyishu y’amasengesho yose!

Abazi Imana baratahura igituma ibi bisabwa bitandatu vyo mur’iri sengesho ari ngenderwako. Imvo ihishurwa ku murongo wa nyuma w’iri sengesho: “Kuk’ubwami n’ubushobozi, n’icubahiro ar’ivyawe ibihe bidashira” (Mat. 6:13). Imana ni Umwami ahambaye aganza ubwami bwiwe natwe turi abakozi muri bwo. Ni nyen’inkomezi zose, kandi nta n’umwe ashobora guhangana n’ubugombe bwiwe. Icubahiro cose ni rwiwe ibihe bidashira. Akwiriye kwubahwa.

Ni iyihe nyigisho iruta izindi dusanga mw’isengesho rya Data wa twese? Ukwera. Abigishwa ba Kristo bifuza kw’izina ry’Imana rishirwa hejuru, inganji yiwe itsimbatare kw’isi yose, kand’ubugombe bwiwe buba hose. Ibi nivyo bikenewe cane kuruta vya vyokurya vyo ku musi. Bifuza kumuhimbara, iyo bananiwe baramusaba ikigongwe. Nk’abahirwe, bifuza kuba abera batunganye rwose gushika aho basaba kutajanwa mu bibagerageza, kukw’ibigeragezo bishobora kubacumuza. Umwigisha agira abigishwa yigisha abigishwa biwe ivyo bintu.

Umwigishwa n’Ubutunzi Bwiwe (The Disciple and His Material Possessions)

Inyigisho ikurikira insiguro yo ku musozi irashobora kunyiganyiza abiyita abakristo kukw’intumbero yabo ar’ukwirundaniriza ibintu mur’iyi si:

Ntimukirundanirize ubutunzi mw’isi, ah’inyenzi n’ingese bibumara, n’ibisuma bikimba bikabwiba. Ariko mwirundanirize ubutunzi mw’ijuru, ah’inyenzi n’ingese bitabumara, hatariho n’ibisuma vyimba ngo vyibe. Kukw’ah’ubutunzi bwawe buri, ari ho umutima wawe uzoba. Itara ry’umubiri n’ijisho. Ijisho ryawe iy’ari ryiza, umubiri wawe wose uba uri n’umuco. Arikw’ijisho ryawe iy’ari ribi, umubiri wawe wose uba uri n’umwiza. Nuko wa muco uba muri wewe, woramuka ubaye umwiza, uwo mwiza wongana ute. Nta wusaba abami babiri: kuko yokwnka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’itunga (Mat. 6:19-24).

Yesu yaratubujije kwirundaniriza ubutunzi kw’isi. Mbega “Itunga” ni iki? Mu bisanzwe itunga ni ikintu cose kibikwa mw’isandugu, gishingurwa mu bwigobeko, kidakoreshwa cane. Yesu yavuzekw’ari ibintu bikwega inyenzi, ingese, n’ibisuma. Mu yandi majambo ni, “ibintu bidasanzwe.” Inyenzi zirya impuzu duhisha cane, tudakunda kwambara. Ingese itonda ku bintu tudakunda gukoresha. Mu bihugu biteye imbere vyinshi, abasuma biba ibintu abantu batagikenera cane: ibishushanyo, imiringa, n’ivy’igiciro mu vyabajwe.

Abigishwa nyabo “barahevye ubutunzi bwabo” (raba Luka 14:33). Bahindutse abazezwa ubutunzi bw’Imana, rero ingingo yose yo gukoresha amahera iva mu mpwemu. Ico dukoza amahera dufise ni co ciganziye ubugingo bwacu. Igihe twirundanirije “ubutunzi”, twongera amahera ku yandi tugura ivy’igiciro gike, tuba twerekanye ko Yesu atari we atuganza, kukw’iyaba ari we atuganza, twogeze ibintu vy’igiciro igihe dukoresha amahera yatubikije.

Mbeg’ivyo bintu vyiza ni ibihe? Yesu adutegeka kwirundaniriza ubutunzi mw’ijuru. Mbega birashoboka? Atubwira mu butumwa bwa Luka ati: “Mugure ivyo mufise, mutange ibiguzi vyavyo kubw’ubuntu, mwibaririre imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw’ijuru, ahategererwa n’igisuma, ata n’inyenzi zonona” (Luka 12:33).

Igihe dutanga amahera yacu ngw’afashe aboro no gukwiza ubutumwa, tuba twirundanirije ubutunzi mw’ijuru. Yesu atubwira gufata ivyo tuzi ko bitegerezwa kwononekara no gushira, tubiguze n’ibintu bizokwamaho. Ico ni co umukozi agira abigishwa akora akigisha abigishwa biwe kugira nk’uko nyene.

Ijisho Ribi (The Bad Eye)

Mbega Yesu yigishije iki igihe yavugako kw’abantu bafise amaso abona neza imibiri yabo iguma mu muco n’abantu bafise amaso atabona neza imibiri yabo iba mu mwiza? Ayo majambo yiwe ategerezwa kuba afitaniye isano n’amahera n’itunga ryo mw’isi, kukw’ivyo ni vyo yarikw’aravuga imbere n’inyuma y’uyu murongo.

Ijambo ry’ikigiriki ryasobanuwemwo ijambo “ribi” muri 6:23 ni ryo risobanuwe muri Matayo 20:15 nka “ribi canke ryifuza.” Aho tubona umutunzi abwira umushumba wiwe, ati “Ijisho ryawe ribabajwe n’uko ndi umurwaneza?” (menya neza kw’ayo majambo asobanuwe gurtyo muri Bibiliya y’icongereza) biragaragara kw’ijisho ridashobora kubabara. Duca dutahura imvugo ”ijisho ribabaye (canke) ribi” risobanura igisambo. Ibi biradufasha gutahura ico Kristo yavuze muri Matayo 6:22-23.

Umuntu afise ijisho ribona neza agereranywa n’umwe afise umutima utanduye, yemerera umuco w’ukuri kuza muri we. Akorera Imana yirundaniriza n’ubutunzi mw’ijuru ah’umutima wiwe uri. Umuntu w’ijisho ritabona neza azibira umuco w’ukuri ntiwinjire muri we, yiyumvirakw’azi ukuri kwose, kandi yizera ibinyoma. Yirundaniriza ubutunzi kw’isi aho umutima wiwe uri. Ntarikw’aja mw’ijuru. Kuko yibereyeho mu kwinezereza gusa. Amahera yahindutse Imana yiwe. Ntajuru azojamwo.

Kugira amahera kuba Imana yawe bisigura iki? Bisigura kw’amahera yafashe ikibanza Imana yategerezwa kugira muri wewe. Amahera ni yo asigaye arongora umutima wawe. Yaranunuje inguvu zawe zose, ivyiyumviro n’umwanya wawe. Ni yo soko ry’umunezero wawe. Urayakunda.

[11]

Nico gituma Paulo yavuze ko ugukunda amahera arikwo gusenga ibigirwamana. Nta nkunzi y’amahera izobona ijuru (raba Ef. 5:5; Kol. 3:5-6).

Imana n’amahera ni nde wotangura guha ikaze mu bugingo bwawe? Yesu yavuze ko abo bami tudashobora kubakorera bompi. No ngaha dusanga Yesu yar’akiri kuri ya nyigisho yiwe—abafise imitima itanduye ni bo bazoragwa ubwami bw’Imana. Yaravuze kw’abantu buzuye umwiza, bagize amafaranga Imana yabo, imitima yabo yabohewe kw’isi kuko birundaniriza ubutunzi kw’isi, ntibari mw’irembo ripfunganye rijana ku bugingo.

Kwifuza Ibitagira Igiciro (The Covetous Poor)

Kwitwararika ibintu vy’umubiri si bibi igihe ari ivy’igiciro. Umuntu arashobora kwitwararika ibintu bitagira igiciro. Ni co gituma Yesu avuga ati:

Ni co gitumye ndababwira, nti ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya canke ku vyo muzonywa, cank’umubiri wanyu ku vyo muzokwambara. Mbeg’amagara ntaruta ivyo kurya, cank’umubiri nturuta ivyambarwa? Ni murabe ibiguruka vyo mu kirere, ntibibiba, ntibishwabura, kandi ntivyimburira mu bigega, ariko So wo mw’ijuru arabitunga: Mbega mwebwe ntimubiruta cane? Ni nde muri mwebwe yoshobozwa n’amaganya kwisumvya uko yareha nk’ukuboko kumwe? Ikibaganyisha impuzu n’iki? Ni murabe amashurwe yo ku misozi ingene akura, ntiyirigwa aratama, ntajisha impuzu; ariko ndababwira yuko na Salomo mu bwiza bwiwe bwose atar’asharije nka rimwe mur’ayo. Non’Imana ko yambika ivyatsi vyo ku misozi irtyo, biriho uyu musi, ariko nk’ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebw’abu kwizera guke mwe? (Mat. 6:25-34).

Hari abasomyi benshi b’iki gitabo barashobora gusanga aya majambo Yesu avuze atabaraba. Hari aabantu batacibuka igihe biganyira kubera ivyo kurya, ivyo kunywa n’ivyo wambara?

Arikw’amajambo ya Yesu ategerezwa kwitonderwa n’abantu bose. Nimba kwitwararika ibigize ubu buzima ari bibi, ukwitwararika ibidakenewe mur’ubu buzima ni bibi cane? Yesu yashaka kw’abigishwa biwe bitwararika ibintu bibiri: Ubwami bwiwe n’ukugororoka kwiwe. Igihe umukristo adashobora gutanga ibigiracumi (kandi ari cagezwe gitoya co mw’Isezerano rya Kera), arikw’ agashobora kugura utuntu twinshi ata kamaro dufise muri mpwemu, wumva yitwararika ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo? Inyishu irazwi.

Ntushingwe no Kurondera Amakosha Ku bandi (Don’t be a Fault-Finder)

Yesu yaciye akurikiza itegeko ribuza gucira imanza abandi no kurondera amakosha ku bandi:

Ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa. Kuko, uko muhinyura abandi, ari ko muzohinyurwa namwe; kand’ingero mugeramwo muzoyigererwa namwe. Urabira iki akabango kari mu jisho rya mugenzawe, kandi inkingi iri mu jisho ryawe ntuyitegereze? Wobwira ute mugenzawe, uti “zana ngutosore akabango kari mu jisho ryawe” nawe ufise inkingi mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, banza witosore inkingi iri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho rya mugenzawe (Mat. 7:1-5).

N’aho Yesu atadomye urutoke ku banyabwenge b’ivyanditswe cank’Abafarisayo, ico caha kirabafata; Abantu batoye Yesu ikosha!

Mbega Yesu yarikw’avuga iki mur’iki gice mu vyo gucira abandi imanza?

Ica mbere, reka turabe ico atavuze. Ntiyavuze ko dushobora gucira abantu imanza kubera ivyo bakoze. Ibi birumvikana. Rero inyuma y’iki gice, Yesu yabwiye abigishwa biwe ngo ntibagaterere ingurube imarigarita zabo canke bahe imbwa ivyera vy’Imana (raba 7:6). Yakoresheje imvugo ngereranyo avuga abantu kanaka, abagereranya n’ingurube n’imbwa, abantu batanezererwa ivyera vy’Imana, “imarigarita” bahawe. Ni abantu badakijijwe, dutegerezwa kumenya gutandukanya imbwa n’ingurube nimba dushaka kwumvira itegeko ryiwe.

Ikirengeye vyose, Yesu yareretse abamukurikira ingene bashobora guhinyura abigisha b’ibinyoma, “amabingira yambaye insato z’intama” (raba 7:15), mu gusuzuma ivyo bama. Kugira dushobore kwubaha itegeko rya Yesu dutegerezwa kwitegereza ingeso z’abantu imbere yo guca imanza.

Nk’uko nyene, Paulo yabwiye abizera b’i Korinto ati:

Ariko burya nabandikiye ko mutivanga n’uwiyita mwene Data, namb’ar’ umusa-mbanyi, cank’uwifuza, cank’uwusenga ibigirwamana, cank’uwutukana, cank’uwu- borerwa, cank’umunyazi: umeze artyo, no gusangira ntimugasangire na we (1 Kor. 5:11).

Kugira ngo twumvire iyi nyigisho dutegerezwa gusuzuma ingeso z’abantu niho dushobora guca urubanza rubereye.

Intumwa Yohana yaratweretse ingene dutandukanya uw’Imana n’uwa wa Mubi. Uraba ingeso z’abo, urashobora kumenya abakijijwe n’abadakijijwe (raba 1Yohana 3:10).

Menya yuko icaha Kristo yarikw’aravuga ataru ukuraba ingeso z’abantu n’ibikorwa vyabo kugira ng’umenye abakijijwe n’abadakijijwe. None yavuga iki?

Yesu yarikw’avuga ku vyo kuraba amakosha matomato kuri mwene So, akanenge ( Yesu yakoresheje ijambo mwene Data incuro zitatu mur’uyu murongo).Yesu ntiyavuze yuko igihe turaba amakosha n’ivyaha vy’abadakijijwe tuba tubaciriye imanza (nk’uko tubibona muri ya nsiguro yiwe). Ahubwo, izi ni nyigisho z’ingene abakristo bategerezwa kubana n’abandi bakristo. Ntibategerezwa kurondera utunenge tw’abandi. Ivyo bigirwa n’abantu bibagira kuraba amakosha yabo ubwabo imbere yo kuraba ayabandi. Abo bitwa indyarya. Nk’uko Yesu yabibwiye umugwi w’abacamanza b’indyarya, ati “uwuzi kw’ata caha afise, abe uwa mbere kumutera ibuye” (Yohana 8:7).

Icete c’intumwa Yakobo gisa cane n’insiguro yo ku musozi, yanditse ati “ntimwidodomberanire, bene Data, kugirango ntimucirwekw’iteka; eh’umucamanza ahagaze ku rugi” (Yak. 5:9). Ibi ni vyo bidufasha kumenya bimwe mu vyo Yesu yagabishijeko abigishwa biwe—kurondera amakosha kuri bene Data no kwamamaza ivyo twabonye, kwidodomberanira. Iki ni co caha ciganziye ishengero, abacirwa imanza ni bo barwa mu mporero. Igihe tuvuze nabi mwene Data, twereka abandi amakosha yiwe, tuba turenze kw’itegeko ritugenga, kuko natwe ntidushimishwa no kuvugwa nabi.

Turashobora kwegera mwene Data mu rukundo igihe tumwereka icaha ciwe, ariko bigirwe ata buryarya, imbere yo kumuhanura dutegerezwa kuraba kw’ico caha tutagikora (canke ducumura cane kuruta uwo tugomba guhanura ). Guhanura umuntu atizera ni uguta umwanya, iyo ni yo nyigisho dusanga ku murongo ukurikira. Yesu avuga ati:

Ivyera vy’Imana ntimukabihe imbwa, kand’imarigarita zanyu ntimukaziterere ingurube, kugira ngo ntizizihonyange n’inzara zazo, maze zikabahindukirira, zikabatabagura (Mat. 7:6).

Ni nka wa mugani uvuga ngo “Ntiwihanize umucokoranyi, yohava akwanka; wihanize umunyabwenge, azogukunda” (Imig. 9:8). Ikindi gihe Yesu yabwiye abigishwa biwe gukunkumura umukungugu w’ibirenge vyabo aho bazokwanka kwizera ubutumwa bwabo. ”Imbwa” ntiyerekwa ukuri ni co gituma Imana idashaka ko abigishwa bayo bata umwanya kur’izo mbwa kandi hari abandi banyotewe kwumva ubwo butumwa bwiza.

Akamo ko Gusenga (Encouragement to Pray)

Dushitse ku gice ca nyuma c’insiguro ya Yesu. Gitangurira kw’isezerano ryo gusenga:

Musabe, muzohabwa; murondere muzoronka; muramutse muzokwugururirwa. Kuk’usaba wese ahabwa; urondera aronka; uwuramutsa yugururirwa. Har’umuntu muri mwebwe, umwana wiwe yo musaba umutsima, akamuha ibuye? Canke yomusaba ifi, akamuha inzoka? None mwebwe, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza rwose guha ivyiza abamusavye! (Mat. 7:7-11).

“Aha!” har’uwushobora kwibwira ngo: “Ngiki gice c’insiguro kitavuga ku kwera.”

Vyose biva kuco dusaba, kudodora no kurondera mu gusenga. Nka bamwe “bagira inzara n’inyota yo kugororoka,” twifuza cane kwumvira ico Yesu adutegeka mu nsiguro yiwe yo ku musozi, kand’ico cifuzo kibonekera mu gusenga kwacu. Isengesho Yesu yigishije abigishwa biwe ryerekana inyota yo gushitsa ubugombe bw’Imana no kugendera mu kwera kwayo.

Vyongeye, mu njili ya Luka, iryo sengesho rirangizwa n’iryungane, “None mwebwe, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye?” (Luka 11:13). Yesu yariko asotera ku bintu vy’agaciro igihe yadusezerana “ingabire nziza”. Mpwemu Yera niwe atweza kandi adushoboza kwamamaza ubutumwa bwiza bweza ababwakiriye. Kabejejwe ni bo bazoja mw’ijuru.

Izindi ngabire nziza ziri mu bugombe bw’Imana. Imana iritwararika ubugombe n’ ubwami bwayo cane, ni co gituma dutegerezwa kumenya kw’ico dusaba cose mu kwagura ubwami bw’Imana izokiduha.

Iryungane Ryo Kurangiza (A Summarizing Statement)

Dushitse ku murongo uvunagura amajambo n’inyigisho za Yesu tumaze kubona. Abadondora Bibiliya benshi ntibabitahuye, ariko we utegerezwa kubitahura. Uyu murongo uboneka neza cane nk’ijambo ry’incamake, kuko ritangura n’ijambo nuko. Dufatiye ku nyigisho tumaze kubona, reka mbazi nti: ni ncamake y’izihe nyigisho Yesu amaze kuvyga? Reka dusome duhekenyera:

Nukw’ivyo mugomba kw’abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe; kukw’ivyo ari ivyagezwe n’ivy’abavugishijwe n’Imana (Mat. 7:12).

Iri ryungane ntirishobora kuba incamake y’imirongo mikeya gusa twasomwe ivuga kuvyo gusenga. Ntibishobora kwumvikana na gato.

Ibuka yukw’agitangura insiguro yiwe, Yesu yabwiye abantu kw’atazanywe no gusenyura ivyagezwe n’ivy’abavugishwa n’Imana (raba Mat. 5:17). Uhereye ku ntango y’insiguro yiwe ugashika kur’uyu murongo tugezeko, nta kindi yagize Atari ukwemeza n’ugushigikira amabwirizwa yo mw’isezerano rya Kera. Iyi ni incamake y’amabwirizwa yose, ivyo dusanga mu vyagezwe n’amajambo y’abavugishwa n’Imana: “Nukw’ivyo mushaka kw’abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe; kukw’ivyo ar’ivyagezwe n’ivyavugishijwe vyose” (7:12). Ijambo , “ivyagezwe n’ivyavugishijwe,” rihuriza hamwe n’inyigisho za Yesu ziri hagati ya Matayo 5:17 na 7:12.

Mur’iyi ncamake, Yesu arashimangira ya nyigisho yiwe ya mbere—Abafise imitima itanduye gusa ni bo bazoragwa ubwami bw’Imana:

Muce mw’irembo ripfunganye; kukw’irembo ryagutse, n’inzira y’igihamo, ari vyo bijana abantu mu mahonero, kand’abahaca ni benshi. Arikw’irembo ripfunganye, n’inzira ntoya, ni vyo bija mu bugingo, kand’abahaca ni bake (Mat. 7:13-14).

Irembo ripfunganye n’inzira ijana mu bugingo icamwo bake ni agakiza. Irembo ryagutse n’inzira y’igihamo bijana mu mahonero, ari yo nzira y’abanshi ni umuriro udashira. Ivyo Yesu yavuze imbere y’iri jambo birafise insiguro yavyo. Kubera yuko Yesu yar’afise ubwenge bwo gushikiriza inyigisho ziwe, insobanuro nziza y’irembo ripfunganye ni ugukurikira Yesu no kwumvira amategeko yiwe. Inzira y’igihamo ni igihushanye c’ivyo. Ni abakristo bangahe baca mur’iryo rembo ripfunganye tubwirwa mur’iyi nsiguro? Umukozi agira abigishwa aba mu nzira ipfunganye akayoborera abigishwa biwe muri yo.

Hari abakristo bibaza icatumye Yesu atavuga k’ukwizera canke ngw’atange inyigisho imwe rudende hakuvuga ibintu vyinshi bitandukanye kubijanye n’ubugingo n’amahonero. Kuri barya batahura isano riri hagati y’ivyizerwa n’ingeso, iyi nsiguro nta kibazo ibatera. Abantu bumvira Yesu bagaragaza ukwizera kwabo mu bikorwa. Abatamwumvira ntibizera n’ukw’ari Umwana w’Imana. Agakiza kacu ntikerekana gusa ubuntu bw’Imana kuri twebwe, kerekana n’ihinduka ryabaye mu bugingo bwacu. Ukwera kwacu niko kwera kwiwe koko.

Ingene Tumenya Abarongozi b’Ibinyoma

(How to Recognize False Religious Leaders)

Uko Yesu yashishikara agabisha abantu, ni ko yagabisha abigishwa biwe ku vyerekeye abavugishwa b’ibinyoma bashorera inzirakarengane mu nzira y’amahonero. Ntibari mu gutigiri c’abana b’Imana, n’aho bavyiyitira. Twomenya gute abigisha n’abarongozi b’ibinyoma?

Mwirinde abigira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebwe bambaye nk’intama arikw’imbere ar’amabingira y’inkazi. Muzobamenyera ku vyo bama. Mbega har’uwo kwamura inzabibu ku munyinya, cank’insukoni ku bitovu? Nukw’igiti ciza cose cama ivyiza, arikw’igiti kibi cama ibibi. Igiti ciza ntigishobora kwama ibibi, kand’igiti kibi ntigishobora kwama ivyiza. Igiti cose kitama ivyiza kiracibwa, kigatererwa mu muriro. Nuko muzobamenyera ku vyo bama. Umuntu wese amvumereza ati “Mwami, Mwami”; siwe azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atar’ukora ivyo Data wo mw’ijuru agomba. Benshi bazombwira kuri wa musi ngo, “Mwami, Mwami” ntitwavugishwa n’Imana mw’izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw’izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw’izina ryawe? Ni ho nzobajinjiburira, nti “Nta ho nigeze mbamenya; mviraho, mwa bakora ibizira mwe” (Mat. 7:15-23).

Yesu yerekana ubube gito bw’abigisha b’ibinyoma. Bafise ibimenyetso vyo hanze bihuma amaso ababitegereza. Yesu bamwita Umwami wabo, baravugishwa, barasenda abadayimoni bagakora ibitangaza. Ariko ni “amabingira y’inkazi”yihisha mu “nsato z’intama.” S’intama z’ukuri. None tumenya gute kw’ari bo canke atari bo? Tubamenya twitegereje “ivyo bama.”

Mbega ivyo vyamwa Yesu yavuze ni ibihe? Biragaragara, s’ivyamwa vy’ibitangaza. Ahubwo, ni ivyamwa vyo kwumvira itegeko n’inyigisho za Yesu. Intama zikora ubugombe bwa Data. Abanyabinyoma “bakora ibizira” (7:23). Duca tugereranya ingeso zabo n’ivyo Yesu yigishije.

Abigisha b’ibinyoma bari no mw’ishengero, ntibitangaje kuko Yesu na Paulo batugabishije kuva kera. Ukw’iherezo ryegereza, ivyo ntibizobura gushika (raba Mat. 24:11; 2Tim. 4:3-4). Abavugishwa b’ibinyoma bazwi cane mur’iki gihe ni bamwe bigisha kw’ijuru rizojamwo n’abagabitanya. Abo bazobazwa amamiliyoni y’abantu arikw’arahona kubera inyigisho zabo. Kuri bo, ni ho John Wesley yandika ati,

Birateye ubwoba!—Igihe abaserukira Imana bahinduka abakozi ba wa Mubi!—igihe abashiriweho kwigisha abantu inzira ija mw’ijuru babigisha iyijana i kuzimu….Igihe mbajijwe ngo, “Ni kuki, ni nde yubahutse gukora…nk’ibi?”…Nishura nti, ibihumbi vy’abanyabwenge n’abanyacubahiro; mbere na bamwe ntazi amadini bavamwo, baremesha abibone, ibipfu, ibinebwe, abakunzi b’isi, abinezereza, abagabitanya n’abarenganya abandi, aboroshe, inzirakarengane, bantayegayezwa, imburakimazi, abatitaho ivyo kugororoka, ngo biyumvire ko bari mu nzira ija mw’ijuru. Abo ni abavugishwa b’ibinyoma b’urwego rwa mbere. Bagunga Imana n’abantu …. bagwiza igitigiri c’abo mu bwami bw’umwiza; kand’igihe cose baronse umutima w’umworo barawusenyura, “ umunwa w’i kuzimu urarangaye binjire bagwire!”

[12]

 

Wesley yarikw’avuga ku bigisha b’ibinyoma Yesu yavuze ko twirinda muri Matayo 7:15-23.

Menya kandi ko Yesu yavugiye ku mugaragaro ibihushana n’ivy’abigisha b’ibinyoma bigisha. Yavuzeko abatigira ivyamwa vyiza bazotabwa i kuzimu (raba 7:19). Ikirengeye vyose ni ukw’ibi bitaraba gusa abigisha n’abavugishwa n’Imana, biraba umuntu wese. Yesu yavuze, ati “Umuntu wese amvumereza, ngo Mwami, Mwami siwe azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atar’uwukora ivyo Data wo mw’ijuru agomba” (Mat. 7:21). Ibibwirwa abavugishwa bibwirwa bose. Niyo nyigisho nya mukuru ya Yesu—Abafise imitima itanduye gusa nibo bazoragwa ubwami bw’Imana. Abatumvira Yesu bazoherera i kuzimu.

Rana neza isano Yesu yashize hagati y’ibiri imbere mu muntu n’ibiri hanze kur’uyo muntu. Ibiti “vyiza” vyama ivyamwa vyiza. Ibiti “bibi” ntibishobora kwama ivyamwa vyiza. Isoko ry’ivyamwa vyiza biboneka hanze ni kamere y’umuntu. Kubw’ubuntu bwayo, Imana yarahinduye kamere y’abizeye Yesu bose.

[13]

 

Impanuro n’Incamake (A Final Warning and Summary)

Yesu arangiza insiguro yiwe ku mpanuro n’incamake. Nkuko umaze kubimenyera ni —abafise imitima itanduye ni bo bazoragwa ubwami bw’Imana.

Uwumva aya majambo yanje wese, akayakora, asa n’umuntu w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku rutare. Isegenya iragwa, inkukura iratwaza, igihuhuta kirahuhuta, bisurira kuri nya nzu, nti yagwa, kuko yar’imase ku rutare. Arik’uwumva ayo majambo yanje wese, ntayakore, asa n’umuntu w’imburabwenge, yubatse inzu yiwe ku musenyi. Isegenya iragwa, inkukura iratwaza, igihuhura kirahuhuta, bisurira kuri ya nzu, irasenyuka, kand’isenyerana ryayo riba rikomeye. (Mat. 7:24-27).

Yesu ntiyarangirije avuga ivyo “ivy’imihewagiro” nk’uko bamwe ba bivuga. Hari iyindi mirongo yerekana kw’atarikw’avuga ku vy’imihezagir ngw’abantu bahave bubaka ukwizera kwabo ku vy’imihezagiro. Iyi ni yo ncamake y’insiguro Yesu yatangiye ku musozi. Abitondera amategeko yiwe ni bo banyabwenge, ni bo barinda akaje. Ntibashobora gutinya igihe c’uburake bw’Imana. Abatumwumvira ni bo bipfu kandi bari mu buhombe, bazohanishwa “umuriro udashira” (2 Tes. 1:9).

Inyishu y’Ikibazo (Answer to an Question)

Insiguro yo ku musozi ntiyabwirwa abakurikira Yesu imbere y’ugupfa n’ukuzuka kwiwe? Agakiza ntibagaheshwa n’ukwitondera ivyagezwe? None Yesu amaze gupfa kubera ivyaha vyabo, ntibaciye bakizwa kubwo kwizera? Iyi nsiguro hari akamaro igifise?

Iyo nyigisho ni mbi cane. Nta muntu yigize akizwa kubw’ibikorwa vyiwe. Bose bakizwa ku bw’ukwizera, imbere n’igihe c’isezerano rya kera. Paulo yerekana neza mu Baroma 4 yuko Aburahamu (imbere y’isezerano rya Kera) na Dawidi (igihe c’isezerano rya Kera) batsindanishirijwe no kwizera atari ibikorwa vyabo.

Ikirengeye vyose, mu bantu bose bumviriza Yesu, nta n’umwe yari gukizwa n’ibikorwa vyiwe, kuko bose bakoze ivyaha ntibashikira ubwiza bw’Imana (raba Rom. 3:23). Ubuntu bw’Imana gusa nibwo bwashobora kubakiza, kandi ubwo buntu buronkeka mu kwizera.

Ikimbabaza ni ukw’abantu benshi mw’ishengero bavugako Yesu yavuze ivyo bintu vyose kugira ngo yongereze ku mitwaro abantu bari basanganywe. Iyo mitwaro ni ukwitondera ivyagezwe. Ngo yashaka kw’abantu bemere yuko badashobora gukizwa n’ibikorwa vy’ivyagezwe. Ko tumaze “gutahura iyo nsiguro” kandi kotumaze gukizwa kubwo kwizera, turashobora kwirengagiza ayo mategeko. Kumbure nimba dushaka gusa kw’abandi aba aribo “bakizwa” twebwe ntidukizwe. N’aho nyene dutegerezwa guca twereka abanyavyaha ivyaha vyabo bagakizwa n’”ukwizera” kutagira ibikorwa.

Ingorane zihari, ni uko Yesu atabwiye abigishwa biwe ati, “Mugende mw’isi yose mugire abigishwa, kandi bamenye yuko bakizwa n’ukwizera igihe batahuye ivyaha, abashaka nibo bazokwitondera amategeko yanje.” Ahubwo yababwiye ati, “Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa banje…mubigishe kwitondera ivyo nabageze” (Mat. 28:19-20, dushimikiye ku nsiguro). Ni co gikorwa c’umukozi agira abigishwa.

 


[1]

Umurongo ukurikira mu gitabo ca Yakobo ni, “Vyomara iki, iyo mwene Data, avuze kw’afise ukwizera, ariko ntagire ibikorwa? Mbega ukwo kwizera kwo mukiza?” (Yak. 2:14).

[2]

Ivyo birashoboka dufatiye ku “bikorwa vy’ivyagezwe” n’ “intumbero y’ivyagezwe” Mpwemu Yera ni we atanga insobanuro yo gushitsa ibikorwa vy’ivyagezwe inyuma y’izuka rya Yesu. Ubu turatahura igituma tutagikeneye kubaga ibimazi mw’isezerano rishasha, Yesu ni we mwagazi w’Imana. Kandi ntituziririza ivyo kurya kuko Yesu yavuze kw’indya zose zejejwe (raba Mariko 7:19). Ntidukeneye gusengerwa n’umuherezi mukuru kuko Yesu ari we muherezi mukuru twahawe. Atari ibikorwa vy’ivyagezwe gusa, intumbero y’ivyagezwe ntiyahinduwe n’ivyo Yesu yavuze canke yakoze imbere n’inyuma y’izuka ryiwe, ahubwo, Yesu yarasobanuye kandi arashigikira intumbero y’ivyagezwe vy’Imana, nkukw’abigishwa biwe babikoze inyuma y’izuka rya Yesu. Intumbero y’amabwirizwa ya Mose ni yo ntumbero y’amabwirizwa ya Kristo n’amabwirizwa y’isezerano rya kera. Menya kandi ko kur’uwo musi nyene Yesu yarikw’avugana n’abayuda baganzwa n’ivyagezwe vya Mose. Ni co gituma ivyo yavuze muri Mat. 5:17-20 bitegerezwa gusobanurwa hisunzwe uguhishurirwa kwiwe dusanga mw’Isezerano Rishasha.

[3]

Ikirengeye vyose, nimba Yesu yarikw’avuga k’uguharurwa ukugororoka duhabwa nk’ingabire igihe tumwizeye, ni kuki ataduduriyeko? Ni kuki yavuze ibintu bizazanisha abantu yarikw’arabwira kandi aziko batize, badashobora kw’ariko avuga ivy’uguharurwa nk’umugororotsi?

[4]

Ibi bivuga ku migenderanire yacu na bene Data. Hari abarongozi b’amadini Yesu yise ibipfu (rab Mat. 23:17), nk’ukw’ivyanditswe bivuga muri rusangi (raba Imig. 1:7; 13:20).

[5]

Imana ntishobora guharura icaha ku mugabo mushasha. Aba agize igokorwa ciza co kurongora no kwitwararika umugore yirukanywe. Hamwe n’ivyo, umugabo agobereye umugore w’abandi kwahukana kugira ngw’amurongore, ni ho aharurwako ubusambanyi, birashoboka kw’ari co caha Yesu yarikw’aravuga ngaha.

[6]

Hariho ibindi vyinshi dushobora kuvuga. Akarorero, umugore yizera akirukanwa n’umugabo atizera igihe arongowe n’uwundi mugabo yizera nta caha c’ubusambanyi kimuharurwako.

[7]

Muri ca gice co kwahukana no gusubira kwabirana, ibi narabivuzeko cane.

[8]

Yari umwigisha w’ivyagezwe w’umuyuda, ni we yabajije Yesu ikibazo ngw’amugeze, ati “umubanyi wanje ni nde?” yagira ngw’afise inyishu nziza. Yesu amwishura akoresheje umugani w’Umusamariya w’imbabazi, umuntu w’ubwoko abayuda bazinukwa, yagiriye neza umuyuda yambuwe no kugirirwa nabi (raba Luka 10:25-37).

[9]

Mu kurangiza iki gitabo, narashize ho igice cose ku vyo kwisonzesha.

[10]

Har’abantu bavuga kw’iri sengesho tudakwiriye kurisenga kuko ritarimw’”izina rya Yesu”. Dufatiye ngaho dusanga amasengesho menshi yagizwe mu gitabo c’ivyakozwe n’intumwa “atarimw’izina rya Yesu.”

[11]

Yesu yarigeze kuvuga ijambo risa n’iryo aho yavuga kw’atawushobora gukorera Imana n’amahera. Luka nawe avuga, ati “Abafarisayo, inkuzi z’amafaranga, bariko barumviriza ivyo vyose bashangashiwe” (Luka 16:14). Mur’iyi nsiguro yo ku musozi, Yesu arikw’aragaragaza inyigisho n’ibikorwa vy’Abafarisayo.

[12]

Ibikorwa vya John Wesley (Baker: Grand Rapids, 1996), vyagizwe na John Wesley, bisubiragusohorwa muri 1872 bitangwa na Wesleyan Methodist Book Room, London, ku rupapuro rwa. 441, 416.

[13]

Sinogenda ntavuze amajambo abantu bakunda gukoresha iyo bahishira icaha kiri mu bandi: “Ntituzi ikiri mu mitima yabo.” Igihushanye c’ibi, Yesu yaravuze kw’ibiboneka inyuma ari vyo bihishura ibiri imbere mu muntu. Ahandi, aravuga ati, “Akanwa kasamira kuvuga ibibogaboga mu mutima” (Mat. 12:34). Igihe umuntu avuga amajambo y’urwanko, vyerekana k’urwanko rwuzuye mu mutima wiwe. Yesu yaratubwiye kandi ati “kukw’imbere mu mitima y’abantu havamw’ivyiyumviro bibi, ubushakanyi,ubusuma, ubwicanyi, ubusambanyi, ukwifuza, kugira nabi, ubugunge, ivy’isoni nke, ijisho ribi, ibitutsi, ubwibone, ubupfu (Mariko 7:21-22). Igihe umuntu asambanye, tumenya yuko mu mutima wiwe harimw’ubusambanyi.