Kuvuka Ubwa Kabiri (The New Birth)

Igice c’Icumi (Chapter Ten)

Umuntu yihanye akizera Umwami Yesu Kristo, aba “avutse ubwa kabiri.” None kuvuka ubwa kabiri bisigura iki? Nivyo tugiye kubona muri iki gice.

Imbere yo kuvuga ivyo kuvuka ubwa kabiri, reka turabe kamere y’umuntu. Ivyanditswe bitubwira ko tutagizwe n’umubiri gusa, ari ko turafise n’impwemu. Akarorero, n’ivyo Paulo yanditse,

Kand’Imana nyen’amahoro ibe ari yo ibeza rwose: kand’ impwemu yanyu n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagira umugayo, ah’Umwami wacu Yesu Kristo azozira (1 Tes. 5:23, dushimikiye ku nsobanuro).

Nk’uko Paulo avyerekana, umuntu arimwo ubutatu: impwemu, ubugingo n’umubiri. Ivyanditswe ntivyerekana neza ingene ivyo bice bitandukanye, ni co gituma tugerageza kuraba itandukaniro riri hagati yavyo mu kuraba ico buri jambo risobanura. Dukunda kuvuga k’umubiri wacu ugizwe—n’inyama, amagufa, amaraso n’ibindi nk’ivyo. Ubugingo bwacu nibwo bwenge n’ukwiyumvamwo kw’umuntu (cank’ibigumbagumba)—ivyiyumviro vyacu. Impwemu yacu ni bwo bugingo. Intumwa Petero yayise, “umuntu w’imbere” (1 Pet. 3:4).

Kukw’impwemu itaboneka n’amaso y’umubiri, har’abantu bavuga kw’itabaho. Bibiliya iravuga neza ko dufise impwemu. Umuntu apfuye, umubiri wiwe gusa ni wo uhagarika ibikorwa, impwemu n’ubugingo bwiwe birabanya kubaho no gukora ukuri kwamye. Igihe c’urupfu, vyompi biva mu mubiri kugira bihagarare mu rubanza rw’Imana (raba Heb. 9:27). Inyuma y’urubanza, bija mu muriro canke mw’ijuru. Impwemu n’ubugingo bw’umuntu wese bizosubizwa mu mubiri wiwe igihe c’izuka.

Gusobanura Impwemu y’Umuntu (The Human Spirit More Defined)

Muri 1Petero 3:4, impwemu yitwa “umuntu ahishijwe.” Bisigura kw’impwemu ari yo muntu. Paulo na we, impwemu yayise “umuntu w’imbere.” Bisigura kw’impwemu atar’ikomezi kanana gusa, ahubwo ni umuntu:

Ni co gituma tutihebura; ariko, n’ah’ umuntu wacu wo kurukoba arikw’arabora, umuntu wacu w’imbere aguma ahinduka musha uko bukeye (2 Kor. 4:16, dushimikiye ku nsobanuro).

“Umuntu wacu wo kurukoba” ni umubiri wacu, “umuntu wacu w’imbere” ni impwemu yacu. N’aho umubiri usaza, impwemu yama igirwa nsha.

Menya kandi ko Paulo avuga umubiri n’impwemu nk’abantu. Tukwiriye kubona impwemu yawe nk’igicu. Menya kw’ari umuntu asa n’uwo ubona igihe wibona mu cirore. Umubiri wawe ushaje, ntiwiyumvire kw’impwemu yawe iba ishaje. Iyumvire ingene wasa ukiri umuyabaga ni kw’impwemu imeze kuko itigeze isaza! Igirwa nsha uko bukeye.

Impwemu yawe ni co gice kivuka ubwa kabiri muri wewe (nimba wizeye Umwami Yesu). Impwemu yawe ifatanya n’Impwemu y’Imana (raba 1Kor. 6:17). Iyo mpwemu y’Imana ni yo ikuyobora mu buzima bwo gukurikira Yesu (raba Rom. 10:14).

Bibiliya yigisha kw’Imana ari Mpwemu (raba Yohana 4:24), abamarayika n’abadayimoni nk’uko nyene. Bose bagira ishusho kandi baba mw’isi yo muri mpwemu. Isi yo muri mpwemu, rero, ntidushobora kuyibona canke kuyitahura mur’uyu mubiri wacu. Kugerageza kuba mw’isi yo muri mpwemu kandi uri mu mubiri ni nko kurondera gufata umuntu avugira mw’iradiyo yawe. Ntidushobora gukora canke kubona uwuvugira mw’iradiyo yacu, ariko ntibisigura kw’ata muntu arikw’avugira mw’iradiyo. Inzira iriho gusa ni kuja kw’isamirizi ukamuramutsa imbona nkubone.

Ni ko bimeze no mw’isi ya mpwemu. Ntidushobora kuvuga kw’isi ya mpwemu itariho kubera yuko tudashobora kuyibonesha amaso canke kuyikorako. Iriho, abantu bavyemera canke bavyanka, bari mw’isi ya mpwemu kukw’ari ivyaremwe vyo muri mpwemu. Barashobora kuba ab’impwemu zifitanije na Satani (igihe badashaka kwihana) canke zifatanije n’Imana (igihe bamaze kuvuka ubwa kabiri. Har’abanyamareba n’abandi basenga ibintazi bamaze kumenya ingene binjira mur’iyo si mugokoresha impwemu zabo, arikw’iyo si bajamwo ni ubwamiu bwa Satani—ubwami bw’umwiza.

Imibiri Ihoraho (Eternal Bodies)

Tukiri kur’iyi nyigisho, reka ngire ico mvuga ku mibiri yacu. N’aho izopfa umusi umwe, urwo rupfu ntiruzokwamaho. Har’umusi Imana ubwayo izozura umubiri w’umuntu wese yapfuye. Yesu aravuga ati:

Ntimutangazwe n’ico; kukw’igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, bakazivamwo; abakoze ivyiza bakazukira ubugingo, abakoze ibibi bakazukira gucirwakw’iteka (Yohana 5:28-29).

Intumwa Yohana yanditse mu gitabo c’ivyahishuriwe yukw’izuka ry’imibiri y’abagabitanya rizoba inyuma y’imyaka igihimbi imibiri y’abagororotsi yarazutse:

Kandimbona ubugingo bw’abaciwe amazosi [abera bishwe mw’ihamwa], babahora gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batasenze ca gikoko cank’igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza imyaka igihumbi. Abapfuye bandi ntibaba bazima iyo myaka igihumbi itarashira. Ukwo ni kwo kuzuka kwa mbere.

[1]

Uwuri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere, arahiriwe kandi n’uwera…bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazofatanya na we kuganza, iyo myaka igihumbi (Ivyah. 20:4b-6).

Bibiliya ivuga kw’igihe Yesu azogaruka gutora ishengero, imibiri y’abagororotsi bose bazoba barapfuye izozurwa isubizwemwo impwemu n’ubugingo bwabo igihe bazoba bagarukanye na Kristo kuganza isi:

Uko twizera yuko Yesu yapfuye akazuka, abe ari ko twizera yukw’abasinziriye muri Yesu, Imana izobazanana na we. Iki ni co tubabwira, n’ijambo ry’Umwami twashikirijwe, yuko twebwe abazoba bakiriho, dusigaye gushitsa ku kuza kw’Umwami wacu, tutazokwitangira imbere y’abasinziriye na gatoya. Kuk’Umwami wacu ubwiwe azoza, amanutse avuye mw’ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana. Maz’abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka; maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzocaduteruranwa na we mu bicu, dusanganire Umwami mu kirere. Ni ho tuzokwama tubana n’Umwami. Nuko mwiruranishe ayo majambo (1 Tes. 4:14-17).

Imana yaremye umuntu wa mbere mu mukungugu w’isi, ntakibazo bizomutera gufata ibigize umubiri wa buri muntu no kuwurema ubugira kandi mu mubiri mushasha akoresheje vya bikoresho vya mbere.

Ku vyerekeye izuka ry’imibiri yacu, Paulo yanditse ati:

Nikw’izuka ry’abapfuye rizoba: habibwa ikibora hakazurwa ikitabora; habibwa igikengerwa hakazurwa ic’icubahiro; habibwa ikinyantegenke hakazurwa ic’ inkomezi; habibwa umubiri w’inyama hakazurwa umubiri w’impwemu. Asangwa harih’umubiri w’inyama hariho n’uw’impwemu…..Ariko bene Data, ico mvuga n’iki, yukw’ab’inyama n’amaraso badashobora kuragwa ubwami bw’Imana, kand’ibibora bitaragwa ibitabora. Ehe, ndababarire akabanga: Ntituzosinzira [gupfa] twese, ariko twese tuzohindurwa, mu kanya gato, mu kanya nk’ako gukubita ingohe, ah’inzamba y’iherezo izovuga, abapfuye bakazurwa batagishobora kubora, natwe tuzohindurwa. Kuk’uyu mubiri ubora ukwiye kwambara ukutabora, kand’uyu mubiri upfa ukwiye kuzokwambara ukudapfa (1 Kor. 15:42-44a, 50-53).

Menya kw’ikizoranga iyo mibiri yacu ari ukadapfa no kubaho ibihe bidashira. Ntizokwigera isaza, irwara, canke ngw’ipfe ukundi! Imibiri yacu mishasha izomera nka wa mubiri Yesu yambara amaze kuzuka mu bapfuye:

Tweho i wacu ni mw’ijuru, ni ho twiteze Umukiza kw’azova, ni we Mwami Yesu Kristo, azohingura imibiri y’ubufafara bwacu, ishushanye n’umubiri w’ubwiza bwiwe, nkukw’afise ubushobozi bumubashisha kwigandurira vyose (Flp. 3:20-21, twashimikiye ku nsobanuro).

Intumwa Yohana yemeje uku kuri mur’aya majambo:

Abo nkunda, none tur’abana b’Imana; arik’uko tuzomera ntikurahishurwa; ico tuzi, n’uko Yesu niyahishurwa tuzosa na we, kuko tuzomuraba ukw’ari (1 Yohana 3:2, dushimikiye ku nsobanuro).

N’ah’ubwenge bwacu budashobora kubitahura vyose, turashobora kuvyizera no kwizera ivyo tubikiwe muri kazoza!

[2]

 

Yesu Ku Vyo Kuvuka Ubwa Kabiri (Jesus on the New Birth)

Yesu yigeze kubwira umurongozi wo mu bayuda yitwa Nikodemo kw’impwemu y’umuntu itegerezwa kuvuka ubwa kabiri biciye mu gikorwa ca Mpwemu Yera:

Yesu aramwishura [Nikodemo], ati “N’ukuri, n’ukuri ndakubwire: Iy’umuntu atavyawe ubwa kabiri, ntashobora kubona ubwami bw’Imana.” Nikodemo aramubaza, ati “Umuntu ashobora ate kuvyarwa ashaje? Mbega yoshobora gusubira mu nda ya nyina akavuka?” Yesu aramwishura, ati “N’ukuri, n’ukuri ndakubwire: Iy’umuntu atavyawe n’amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bwami bw’Imana. Ikivyawe n’umubiri na co n’umubiri; ikivyawe na Mpwemu na co n’impwemu. Ntutangazwe n’uko nkubwiye, nti ‘Murakwiye kuvyarwa ubwa kabiri’” (Yohana 3:3-7).

Nikodemu yiyumviriye ko Yesu avuze ivy’ukuvuka ubwa kabiri mu mubiri kugira ngo yinjire mu bwami bw’Imana. Yesu yaciye asobanura yukw’ar’ukuvuka ubwa kabiri mu mpwemu. Impwemu y’umuntu itegerezwa kuvyarwa ubugira kabiri.

Igituma dukeneye kuvuka ubwa kabiri n’uko impwemu zacu zanyengetereyemwo ibibi, kameremere k’icaha. Ako kameremere k’icaha kitwa urupfu muri Bibiliya. Urwo rupfu turwita urupfu rwo mu mpwemu kugira ngo turutandukanye n’urupfu rw’umubiri (ari h’umubiri utaba ugikora ukundi).

Gusobanura Urupfu rwo mu Mpwemu (Spiritual Death Defined)

Paulo yarasobanuye icitwa gupfa mu mpwemu mu banyefeso 2:1-3:

Namwe yarabagize bazima, hamwe mwari mwarapfuye mwishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyanyu, ivyo mwagenderamwo kera, nkukw’ivy’iyi si bigenda, mwumvira umwami wabaganza ikirere, ni we mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa. Kandi natwe twese twahora muri bo kera mu kwifuza kw’imibiri yacu, tugakora ivy’imibiri n’imitima vyacu bigomba, kandi mu kameremere kacu twar’abo kurakirwa, nk’abandi bose (dushimikira ku nsobanuro).

Paulo ntiyarikw’avuga ku rupfu rw’umubiri kuko yarikw’abwira abantu bakiriho. Yavuze ko “bari bishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyabo.” Icaha ni co gicira inzira urupfu mu mpwemu (raba Rom. 5:12). Gupfa mu mpwemu ni ukugira kameremere k’icaha mu mpwemu yawe. Paulo yavuze yuko “mu kameremere kacu twar’abana bo kurakirwa.”

Gupfa mu mpwemu, bisigura kugira kameremere ka Satani mu mpwemu yawe. Paulo yavuze yukw’abapfuye mu mpwemu bafise muri bo impwemu y’“umwami w’abaganza ikirere” akorera muri bo. “umwami w’abaganza ikirere” ni wa Mubi (raba Ef. 6:12), kand’impwemu yiwe ikorera mu batarakizwa bose.

Yesu, abwira abayuda bataravuka ubwa kabiri ati,

Mwebwe mur’aba so wa Murwanizi, kand’ivyo so yifuza ni vyo vyo mushaka gukora. Uyo yahereye ubwa mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw’ata kuri kuri muri we. Iy’avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw’ar’umunyabinyoma, kand’ari we se wavyo (Yohana 8:44).

Abataravuka ubwa kabiri ntibafise kamere ka Satani gusa mu mpwemu zabo, ariko kandi Satani ni we se mu mpwemu. Bama bakora nka wa mubi. Ni abicanyi n’abanyabinyoma.

Abadakijijwe bose ntibicana, ariko bose bakoreshwa na wa mutima w’abicanyi, kand’akaryo kabonetse barashobora kwica. Gushinga amategeko adahana icaha co gukorora inda mu bihugu bitandukanye vyerekana ivyo nariko ndavuga. Abadakijijwe bica n’inzoya zitaravuka.

Ni co gituma impwemu y’umuntu itegerezwa kuvuka ubwa kabiri. Igihe umuntu avutse ubwa kabiri, kamere ka Satani karakurwa mu mutima wiwe kagasubirizwa na kamere k’Imana. Si“ikiziga mu mpwemu” aba agizwe “muzima mu mpwemu.” Impwemu yiwe ntiba igipfuye arikw’iba nzima mu Mana. Ntaba akiri umwana wa Satani mu mpwemu, amaze guhinduka umwana w’Imana mu mpwemu.

Guhindura Ntigusubirira Ukuvuka ubwa Kabiri

(Reformation is No Substitute for Regeneration)

Kubera yukw’abantu badakijijwe baba bapfuye mu mpwemu, ntibashobora gukizwa igihe bagerageje guhindura ingeso. Uwudakijijwe wese akeneye kamere nshasha, s’ibikorwa bishasha vyo hanze. Urashobora gufata ingurube, ukayoza neza, ukayisiga, ukayambika n’ikaruvati yera kw’izosi, ariko uramenya kw’iguma ari ingurube! Kamere kayo kaguma uko kamye. Kandi ntirishobora kurenga itaravayanga ivyondo ikanuka nabi .

Ni ko bimeze no kubanyadini badashaka kuvuka ubwa kabiri. Barashobora kwiyuhagira hanze, arikw’imbere buzuyemw’ibibi bitagira izina. Yesu yabwiye bamwe muri bo ati,

Muzobona ibara, mwebw’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwoza igikombe n’inkoko inyuma, arikw’imbere vyuzuye ubwambuzi n’ukutigarura. Wa Mufarisayo uhumye we, banza woze imbere mu gikombe no mu nkoko, inyuma havyo na ho habone kwera. Muzobona ibara, mwebwe abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko musa n’imva zihomeshejwe ingwa, ziboneka inyuma zikuyengeje, arikw’imbere zuzuye amagufa y’abapfuye n’ibihumanya vyose (Mat. 23:25-28).

Ayo majambo ya Yesu yerekana ishusho ry’abanyedini badashaka kuvuka ubwa kabiri. Kuvuka ubwa kabiri gusa nivyo bishobora kwoza imbere n’inyuma mu muntu.

Ubugingo Bumera Guta Igihe Impwemu Ivutse Ubwa Kabiri?

(What Happens to the Soul When the Spirit is Reborn?)

Igihe umuntu avutse ubwa kabiri, ubugingo bwiwe ntibukorwako (kiretse kw’amenya yuko yafashe ingingo yo gukurikira Yesu). Hari ikintu Imana idutegeka gukora mu bugingo bwacu igihe tubaye abana bayo. Ubugingo bwacu (ubwenge) butegerezwa kugirwa busha. Dutegerezwa kwiyumvira nkukw’Imana yiyumvira. Uko ubwenge bwacy buhinduka nikw’ibikorwa vyacu bihinduka, tugenda dusa na Yesu:

Ntimushushanywe n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose (Rom. 12:2, dushimikiye ku nsobanuro).

Yakobo nawe yaravuze kur’iryo hinduka riba mu bugingo bw’uwizera:

Mwakirane uburwaneza ijambo ritewe muri mwebwe, rishobora gukiza ubugingo bwanyu (Yak. 1:21b).

Yakobo yandikiye Abakristo—abantu bamaze kuvuka ubwa kabiri mu mpwemu zabo. Ariko bari bakeneye guhindura ubugingo bwabo. Ivyo bishoboka gusa igihe bakiriye “ijambo ryatewe muri bo.” Ni co gituma abizera bategerezwa kwigishwa ijambo ry’Imana.

Ibisigarira vya Kamere ka Kera (The Residue of the Old Nature)

Amaze kuvuka ubwa kabiri, umukristo yisanga afise kamere zibiri. Paulo yavyise intambara y’”impwemu n’umubiri”:

Kukw’akameremere kifuza ivyo Mpwemu yanka, kandi Mpwemu yifuza ivy’akameremere kanka: kukw’ivyo bihiganwa, ngo ntimukore ivyo mugomba (Gal. 5:17).

Ibisigarira vya kameremere ka kera Paulo avyita “umubiri.” Izo kameremere zibiri muri twebwe zizana ukwifuza gutandukanye, igihe tuzumviye, turonka ubugingo canke urupfu. Turabe iyo ntambara Paulo avuga hagati y’”ibikorwa vy’umubiri” n’”ibikorwa vya Mpwemu”:

Kand’ibikorwa vy’akameremere kacu biramenyekana, n’ibi: ubushakanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke, gusenga ibigirwamana, uburozi, ubwansi, itonganya, ishari, uburake, ikeba, kwitandukanya, ibice, igono, kuborerwa, kudandahirwa, n’ibindi ben’ivyo. Ivyo ndabibaburiye, nkuko nabibaburiye kera, yukw’abakora ibisa birtyo batazoragwa ubwami bw’Imana. Arikw’ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, uburwaneza, ukwirinda, ibimeze birtyo nta vyagezwe bibibuza (Gal. 5:19-23).

Abakristo barashobora kuganzwa na kameremere; iyo bitamera gurtyo Paulo ntiyari kubagabisha ababwira kw’igihe bakoze ibikorwa vy’umubiri badashobora kuragwa ubwami bw’Imana. Yanditse ivya kamere zibiri zitandukanye mukristo wese agira avuga no kungaruka mbi zokugendera mu bikorwa vy’umubiri:

Bisanzwe Kristo ari muri mwebwe, umubiri uba upfuye kubw’icaha, arikw’impwemu yanyu ni nzima kubwo kugororoka….None rero, bene Data, turi n’umwenda, atar’uw’akameremere kacu, ngo twitondera ivyako—kuko namba mwitondera ivy’akameremere kanyu, ntimuzobura gupfa: ariko ni mwica ivy’umubiri ukora, muvyicisha impwemu, muzobaho (Rom. 8:10, 12-14,dushimikiye ku nsobanuro).

Iyi ni mpanuro ku bakristo. Kubaho (bisigura kugendera mu buzima kanaka) muri kameremere bizana urupfu. Aha Paulo yarikw’avuga ku rupfu rwo mu mpwemu, kuk’umuntu wese ategerezwa gupfa mu mubiri, n’abakristo “n’aho boba balaze kwica ibikorwa vya kameremere k’umubiri.”

Paulo yavuze k’umukristo ashobora kugwa mu caha ; bishitse agakora ico caha, nta mahoro agira shiti yihanye. Umuntu wese yatura icaha ciwe agasaba Imana ikigongwe, iramuharira (raba 1Yohana 1:9).

Igihe umukristo acumuye, ntibisigura k’ ubucuti bwiwe n’Imana bukuweho—aba atosekaje imigenderanire yiwe n’Imana. Aguma ari umwana w’Imana, ariko ni umwana w’umugarariji. Igihe uwizera adashaka kwatura icaha ciwe, aba yishize mu gihano c’Umwami.

Intambara (The War)

Wumva muri wewe ugomba gukora ikintu uzi kw’ari kibi, menya yukw’ari “ukwifuza kw’umubiri.” Nta nkeka, igihe ugeragejwe na kameremere k’umubiri ukore icaha, wumva har’ikintu imbere muri wewe kikubuza, ni “Mpwemu.” Kandi igihe umenye kw’ivyo wumva muri wewe bikubuza gukora ico caha, uba utahuye ijwi ry’impwemu yawe, ari ryo twita “ijwi ryo mu mutima.”

Imana yaramenye cane yuko kameremere kacu kazodukwegera mu caha. N’aho bimeze gurtyo ntidushobora kujana narwo ngo tugendere mu vy’umubiri ushaka. Imana ishaka ko tugendera mu kuyumvira no guca bugufi tukanesha kameremere k’imibiri yacu:

Ndavuga nti ni mugendeshwe na Mpwemu, ni ho mutazoshitsa ivy’akameremere kanyu kifuza (Gal. 5:16).

Ntamangetengete yoshoboza umuntu kunesha umubiri. Paulo yavuze ko “tugendeshwa na Mpwemu” ni ho “tudashitsa ivy’akameremere kacu kifuza”(Gal. 5:16). Nta mukristo afise ubuntu busumba abandi. Kugendeshwa na Mpwemu ni ingingo umuntu wese ategerezwa gufata. Ukwihebera Imana kwacu kugaragara igihe tutagendera muri kameremere k’imibiri yacu.

Paulo asubira kwandika ati:

Kand’aba Kristo Yesu babambanye akameremere kabo n’ivyo gahahamiye n’ivyo kifuza (Gal. 5:24).

Paulo avuga kw’aba Kristo babamvye (muri kahise) kameremere kabo. Ivyo biba igihe twihanye tukizera Umwami Yesu Kristo. Twarabamvye kamere k’icaha, duhitamwo kwumvira Imana no kurwanya icaha. Kubamba akameremere kacu s’ikigoye, kukagumiza ku mambo ni co kibazo.

Ntivyoroshe kugumiza akameremere kacu ku mambo, ari ko birashoboka. Igihe twemeye uburongozi bw’umuntu wacu w’imbere tukanka kugendeshwa n’ivy’umubiri uhahamira, ni ho tugaragaza ubugingo bwa Kristo kuko tugendera mu kwera.

Kamere k’Impwemu Yavutse ubwa Kabiri (The Nature of our Recreated Spirits)

Har’ijambo rimwe rivuga neza kamere y’impwemu zacu zavutse ubwa kabiri, na ryo ni Kristo. Mpwemu Yeare afise kamere ka Kristo, igihe tumuhaye ikibanza muri twebwe tuba dufise kamere ka Yesu. Paulo yanditse ati, “Yamara si jewe nkiriho ni Kristo ari ho muri jewe” (Gal. 2:20).

Kuko dufise inkomezi na kamere kiwe muri twebwe, turakwije ibisabwa abari muri Kristo. Ntidukeneye urukundo, ukwihangana, cank’ukwirinda kwinshi—muri twebwe dufise Umuntu yuzuye urukundo, kwihangana, no kwirinda! Ico dukeneye kugira gusa ni kumwemerera kuba muri twebwe.

Twese dufise umwansi umwe arwanya kamere ka Kristo, akabuza kugaragara muri twebwe; kand’uyo mwansi ni kameremere kacu. Ni co gituma Paulo yavuze yuko tubamba akameremere kacu. Ni igikorwa cacu kubamba kameremere kacu. Kurindira ko bikorwa n’Imana ni ukwiruhiriza ubusa. Paulo, na we nyene, yarafise ingorane na kameremere kiwe, ariko yarahisemwo kukanesha:

Kandi ndwanya umubiri wanje, nkawuhindura umuja, kugira ngo kumbure maze kwigisha abandi, nanje ubwanje sinze mboneke ko ntemewe (1 Kor. 9:27).

Utegerezwa guhindura umubiri umuja w’impwemu yawe ushaka kugendeshwa na Mpwemu mu Mwami. Birashoboka!

 


[1]

Kubera yuko Yohana avuga ngw’ “iri ni ryo zuka rya mbere,” bituma twizera kw’atarindi zuka rizoba imbere y’iri. Kubera ko riba inyuma y’ihamwa rikuru igihe Yesu azogaruka, birahushana n’iciyumviro c’iduzwa mw’ijuru imbere y’ihamwa, kuko tuzi yuko hazoba izuka rya benshi igihe Yesu azogaruka mu bicu gutora ishengero nkuko biri muri 1 Tes. 4:13-17. Tuzobibona neza mu gice citiriwe Ibihe vy’Iherezo.

[2]

Izindi nyigisho kuvy’izuka, raba Dan. 12:1-2; Yohana 11:23-26; Ivyak. 24:14-15; 1 Kor. 15:1-57.