Umubatizo wa Mpwemu Yera (The Baptism in the Holy Spirit)

Igice ca Cumi na Rimwe (Chapter Eleven)

Usomye igitabo cose c’ivyakozwe n’intumwa, igikorwa ca Mpwemu Yera kiragaragara mw’ishengero rya mbere ku rupapuro rwose. Ukuye igikorwa ca Mpwemu Yera ntaco woba usigaranye mur’ico gitabo. Ni We yashoboje abigishwa ba mbere “guhindura isi” (raba Ivyakozwe n’intumwa 17:6; Bibiliya y’icongereza yitwa KJV).

Ahantu hari ishengero ryagutse cane, usanga hari abigishwa ba Yesu bumvira kandi bakoreshwa na Mpwemu Yera. Ntibidutangaze. Ivyo Mpwemu Yera ashobora gukora mu misegonda cumi biruta ibikorwa mu nguvu zacu imyaka ibihumbi cumi. Umukozi agira abigishwa ategerezwa gutahura ico ivyanditswe bivuga kuri Mpwemu Yera n’ico Ashobora gukora mu bamwizera.

Dusanga uturorero tw’abizera babatizwa muri Mpwemu Yera, bakorera Imana mu bushobozira Imana mu gitabo c’ivyakozwe n’intumwa. Twize tugakurikiza izo nyigisho tuzoba duhiriwe kuko duca tuba mu vyo babayemwo tugafashwa cane na Mpwemu Yera. N’aho hari abantu bavuga kw’ivyo bitangaza vyaheranye n’intumwa za mbere, nta canditswe mbona, nta kahise canke iciyumviro cumvikana gishobora kuvyemeza. Ivyo vyavuye k’ukutizera. Abizera ico ijambo ry’Imana risezerana bazobona iyo migisha basezeraniwe. Nkukw’abisirayeki batinjiye mu gihugu c’isezerano, abadashaka kwizera amasezerano y’Imana ntibazoshikira ivyo Imana yabateguriye. Wumva uhagaze he? Jewe mpagaze mu mugabane w’abizera.

Ibikorwa Bibiri vya Mpwemu Yera (Two Works by the Holy Spirit)

Umuntu wese yizera Umwami Yesu aramaze kubona igikorwa ca Mpwemu Yera mu bugingo bwiwe. Umuntu wiwe w’imbere, cank’impwemu yiwe, iramaze kuvyarwa ubwa kabiri na Mpwemu Yera (raba Tit. 3:5), kandi ubu Mpwemu Yera aba muri we (raba Rom. 8:9; 1Kor. 6:19). Aramaze “Kuvyarwa na Mpwemu” (Yohana 3:5).

Kubw’ugutahura nabi, abizera ingabire za Mpwemu bagira ikosha ryo kubwira abantu batavuga indimi nsha ngo ntibararonka Mpwemu Yera. Arik’uraba ivyanditswe ukaraba n’ingene bigenda mu buwima bwa misi yose usanga ikosha rigaragara. Hari abantu batizera ibikorwa vya Mpwemu Yera/canke batari mu ba pentekoti ariko bafise ibimenyesto vya Mpwemu gusumba abavugako bizera ibikorwa vya Mpwemu Yera/cank’abari mu ba pentekoti! Abo bantu babonekakw’ivyamwa vya Mpwemu bivugwa mu b’i Galatiya 5:22-23 badashobora kugira Atari Mpwemu Yera ubwiwe ibikora muri bo.

Umuntu avyawe na Mpwemu, ntibisigurako aba amaze kubatizwa muri Mpwemu Yera. Twisunze ivyo Bibiliya ivuga, kuvyarwa na Mpwemu Yera no kubatizwa muri Mpwemu biratandukanye.

Reka turabe ivyo Yesu yavuze kuri Mpwemu Yera igihe yavugana na wa mugore adakijijwe bahuriye i Samariya:

Iy’uba uzi ingabire y’Imana, ukamenya n’uwugusavye ngo “Mpa utwokunywa” uw’ari we, nawe uba umusavye, nawe akaguha amazi y’ubugingo….Uwunywa kur’ayo mazi wese [amazi yo kw’iriba] azosubira kugira inyota; arik’uwunywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota ukundi gushitsa ibihe bidashira, arikw’amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubugingo budashira (Yohana 4:10, 13-14).

Turashobora kuvuga yukw’imbizi y’amazi Yesu yarikw’aravuga igereranywa na Mpwemu Yera aba mu wizera wese. Mu njili ya Yohana, Yesu yarasubiye gukoresha iryo ryungane nyene, “amazi y’ubugingo,” kandi nta nkeka yarikw’avuga kuri Mpwemu Yera:

Nuko ku musi uherukira ya misi mikuru, ni wo musi uruta iyindi, Yesu arahagarara, arasemerera, “ati Namba har’uwufise inyota, naze kuri jewe, anywe, Uwunyizera, inzuzi z’amazi y’ubugingo zizotemba ziva mu nda yiwe, nk’ukw’ivyanditswe bivuga.’” Arikw’ivyo yabivuze kuri Mpwemu Yera atari bwa tangwe, kuko Yesu atari bwashike mu bwiza bwiwe (Yohana 7:37-39, dushimikira ku nsobanuro).

Mur’iri ryungane Yesu ntiyavuze kw’“inzuzi z’amazi y’ubugingo ziburuka muri we.” Ahubwo, inzuzi z’amazi y’ubugingo zitemba ziva mu nda y’uwizera.

Ibi bice bibiri bisa dusanga mu njili ya Yohana vyerekana neza cane itandukaniro riri hagati yo kuvuka ubwa kabiri no kubatizwa muri Mpwemu Yera. Kuvuka ubwa kabiri bigirira inyungu uwuvuka ubwa kabiri, bimuha umunezero w’ibihe bidashira. Rero iy’umuntu amaze kuvuka ubwa kabiri, aba afise muri we ikigega c’ubugingo yaahawe na Mpwemu ari muri we.

Ariko umubatizo wa Mpwemu Yera ni ku nyungu y’abandi, vygenewe gukomeza abera no kubakorera mu bubasha bwa Mpwemu. “Inzuzi z’amazi y’ubugingo” zizokwiburuka ziva mu nda yiwe, zizanira abandi imigisha y’Imana mu bubasha bwa Mpwemu Yera.

Ni Kuki Umubatizo wa Mpwemu Year Ukenewe

(Why the Baptism in the Holy Spirit is Needed)

Kugira dubashe gukorera abandi dukeneye imfashanyo iva kuri Mpwemu Yera! Atadufashije, ntidushobora no kugira iciyumviro co kugira abigishwa. Ni co gituma Yesu yasezeranye abizera umubatiwo wa Mpwemu Yera—ni ho abera bashobora gushikiriza amahanga ubutumwa bwiza. Yabwiye abigishwa biwe ati:

Umve, ngira mbarungikire ico Data yasezeranye; ariko mugume mu gisagara, kugeza aho muzokwambikirwa ubushobozi buvuye mw’ijuru” (Luka 24:49, dushimikira ku nsobanuro).

Luka yanditse aya majambo ya Yesu uku gukurikira:

Sivyanyu kumenya imisi cank’ibihe Data yashinze n’ububasha bwiwe wenyene; ariko muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kushingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi (Ivyak. 1:7-8, dushimikira ku nsobanuro).

Yesu yabwiye abigishwa biwe ko bazova i Yerusalemu igihe “bambitswe ubushobozi buva mw’ijuru.” Yar’azi kw’ata nkomezi bazogira batararonka ubwo bubasha, ntibashobora gushitsa igikorwa bahamagariwe. Turabona yukw’igihe babatijwe muri Mpwemu Yera, n’iho Imana yatangura kubakoresha mu bushobozi mu gikorwa co gukwiza ubutumwa.

Amamiriyoni y’abakristo bo kw’isi, igihe babatijwe muri Mpwemu Yera, ni ho bagendera mu nkomezi nshasha, cane cane igihe co gushinga intahe mu badakijijwe. Nih’amajambo yabo atangura kwemeza abantu, bashobora kuvuga imirongo batari bacibuka. Abandi bagatahura imihamagaro n’ingabire zabo, bagakora ibikorwa bitandukanye harimwo no kuvuga ubutumwa. Abandi basanga Imana irikw’irabakoresha mu bikorwa vyinshi n’ingabire za Mpwemu. Ico gikorwa cabo kiboneka muri Bibiliya yose. Abahakana ivyo bikorwa ntibashobora kubeshera Bibiliya. Ni abagarariji.

Twebwe twigira kuri Kristo ibintu bitandukanye harimwo no gukorana na Mpwemu Yera. Yashizwe mu nda ya Mariya mu bubasha bwa Mpwemu (raba Mat. 1:20). Ariko n’aho yavyawe na Mpwemu Yera yarabatijwe na Mpwemu Yera imbere yo gutangura igikorwa ciwe ku mugaragaro (raba Mat. 3:16). Nimba Yesu yarabatijwe na Mpwemu Yera ngw’ashobore gukora, nit we tudakenye kubatizwa na Mpwemu Yera?

Ikimenyetso Cerekana Umubatizo wa Mpwemu Yera

(The Initial Evidence of the Baptism in the Spirit)

Igihe uwizera abatijwe muri Mpwemu Yera, aravuga mu “ndimi nsha” canke “indimi zitamenyekana” . Har’ivyanditswe vyinshi bishigikiye iyi nyigisho. Reka tuvyihweze.

Ubwa mbere, atar’urizwa mw’ijuru, Yesu yavuzeko kimwe mu bimenyetso bizokurikira abizera ari ukuvuga mu zindi ndimi:

Mugende muje mu bihugu vyose, mubwire abaremwe bwose ubutumwa bwiza. Uwizera akabatizwa azokizwa; arik’utizera azotsindwa n’urubanza. Kand’ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera n’ibi: bazosenda abadayimoni mw’izina ryanje; bazovuga indimi nsha (Mariko 16:15-17, dushimikiye ku nsobanuro).

Har’abadondora Bibiliya bavuga yukw’iyi mirongo idakwiye kuba muri Bibiliya kuko itari mu nyandiko zose za kera. Inyandiko za kera zirimwo ivyo vyanditswe, kandi abadondora Bibiliya benshi bavuga icongereza bashigikira ico ciyumviro co kuyikuramwo. Inyigisho ya Yesu dusanga mur’iyo mirongo ihuriza hamwe n’ivy’ishengero rya mbere ryagenderamwo nk’uko tubibona mu vyakozwe n’intumwa.

Har’uturorero dutanu mu gitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa aho abizera babatijwe muri Mpwemu Yera. Reka turabe twose dutanu, igihe tukiri ngaho, tubandanye twibaza ibibazo bibiri bikurikira: (1) Mbega kubatizwa muri Mpwemu Yera vyitangirwa no gukizwa? Ikindi (2) mbega ababatijwe baravuze mu ndimi nsha? Ibi biradufasha gutahura ubugombe bw’Imana ku bizera bose.

Yerusalemu (Jerusalem)

Akarorero ka mbere tugasanga mu Vyakozwe n’Intumwa 2, igihe bamwe ijana na mirongwibiri babatizwa muri Mpwemu Yera ku musi wa Pentekote:

Umusi wa Pentekote ushitse, bose bari bakoraniye ahantu hamwe; haza igihinda kivuye mw’ijuru giturumbuka, nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi, gukwira hose mu nzu bari bicayemwo. Hababonekera ibirimi vyigabanganije, nk’ivy’umuriro; bibajakw’umwu-umwe. Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga (Ivyakozwe n’Intumwa 2:1-4, hongeweko insobanuro).

Bamwe ijana na mirongwibiri bari bakijijwe imbere y’ukw’ivyo biba, bisigura yuko babatijwe muri Mpwemu Yera bamaze gukizwa. Ntivyari gushoboka, hamwe n’ivyo, ko baronka umubatizo wa Mpwemu Yera imbere y’ico gihe kuko Mpwemu Yera atari bwa habwe ishengero.

Biragaragara, ikimenyetso caranze uyo mubatizo kwar’ukuvuga izindi ndimi.

Samariya (Samaria)

Akarorero ka kabiri k’abizera babatijwe muri Mpwemu Yera tugasanga mu Vyakozwe n’Intumwa 8, igihe Filipo yaja mu gisagara ca Samariya avuga ubutumwa:

Ariko [Abasamariya] bizeye ubutumwa bwiza Filipo ababwiye bw’ubwami bw’Imana, nubw’izina rya Yesu Kristo, barabatizwa, abagabo n’abagore…. Maz’intumwa ziri i Yerusalemu zumvise yukw’abasamariya bemeye ijambo ry’Imana, zirungikayo Petero na Yohana, nabo bamanutseyo barabasengera ngo bahabwe Mpwemu Yera.; kuko Mpwemu atari bwa manuke aje no kur’umwe muri bo, bari babatijwe gusa mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo (Ivyakozwe n’Intumwa 8:12-16).

Abakristo b’i Samariya babatijwe muri Mpwemu Yera bamaze gukizwa. Bibiliya iravuga neza yuko Petero na Yohana batarashika, Abasamariya bari bamaze “kwakira ijambo ry’Imana,” kwizera ubutumwa bwiza, no kubatizwa mu mazi. Ariko Petero na Yohana baramanutse baja kubasengera, ivyanditswe bivuga ngo bagiyeyo kugira ngo “babasengere bahabwe Mpwemu Yera.” Har’ikindi co bisobanura kuruta ngaha?

Mbega abizera b’i Samariya baravuze mu ndimi nsha igihe babatizwa muri Mpwemu Yera? Bibiliya ntavy’ivuga, arikw’ivuga yuko har’ikintu gitangaje cahabaye. Igihe uwitwa Simoni yabona ibikoretse igihe Petero na Yohana barambika ibiganza ku bakristo b’i Samariya, yaragerageje gutanga amafaranga agure ubwo bushobozi bwo gutanga Mpwemu Yera:

Maze babarambik’akw’ibiganza, bahabwa Mpwemu Yera. Ariko Simoni, abonye yukw’abarambitswekw’ibiganza n’intumwa bahabwa Mpwemu Yera, azizanira amahera, “Ati Nanje nimumpe ubwo bushobozi, kugirang’uwo nzorambikakw ’ ibiganza azahabwe Mpwemu Yera” (Ivyak. 8:17-19).

Mbega Simoni yabonye iki camukweze gushika ah’agomba gutanga amahera? Yar’amaze kubona ibitangaza bitari bike, nk’abantu bakizwa abadayimoni n’ibimuga bimuguruka no gukira mu buryo bw’ibitangaza (raba Ivyak. 8:6-7). We ubwiwe ni ho yar’akiva mu bintazi vy’umupfumu, yikwegerakw’abantu i Samariya (raba Ivyak. 8:9-10). Ko bimeze gurtyo, bisigurako yabonye igihe Petero na Yohana basenze har’inkintu cakoretse. N’aho tudashobora kubivuga n’ubushizi bw’amanga, turashobora kubuga yuko yabonye ivyama bikoreka igihe abakristo babatijwe muri Mpwemu Yera nkuko tubibona mu gitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa—yumvise no kubona bavuga mu zindi ndimi.

Saulo i Damasiko (Saul in Damascus)

Umuntu wa gatatu tubona mu vyakozwe n’intumwa yahawe umubatizo wa Mpwemu Yera ni Sauli w’i Taruso, tuzi kw’izina ry’intumwa Paulo. Yakirijwe mu nzira ija i Damasiko, mbere ni ho yakubitiwe uruhunyi imisi ingahe. Imisi itatu ishize amaze gukizwa, umuntu yitwa Anania yarungitse n’Imana kuri we:

Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikakw’ibiganza, aramubwira, “ati Sauli mwene Data, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ng’uhumuke wuzure Mpwemu Yera.” Uyo mwanya ibisa n’ibikaragashi bimuva ku maso, arahumuka, ava hasi, arabatizwa (Ivyak. 9:17-18).

Sinkekeranya yuko Sauli yavutse ubwa kabiri Ananiya ataramushikira. Yarizeye Umwami Yesu akiri ku nzira ija i Damasiko, kandi yaciye yubaha amategeko y’Umwami wiwe. Vyongeye, igihe Ananiya yahura na Paulo ubwa mbere, yamwise “Sauli, mwene Data.” Menya ko Ananiya yabwiye Sauli yukw’azanywe no kumusubiza ukubona kw’amaso yiwe hamwe no kumwuzuza Mpwemu Yera. Rero Sauli, yujujwe, canke yabatijwa muri Mpwemu Yera, amaze imisi itatu akijijwe.

Ivyanditswe ntivyerekana ko Sauli yaciye abatizwa muri Mpwemu Yera, ariko bitegerezwa kuba vyarashitse inyuma yo gusengerwa na Ananiya. Nta nkeka ko Paulo yavuga mu zindi ndimi ku rwego runaka, kuberako yivugiye ubwiwe muri 1 Korinto 14:18, “Nshimira Imana yuko mbarusha mwese kuvuga mu ndimi zitamenyekana.”

Kayisariya (Caesarea)

Ahagira kane havugwa yukw’abizera babatijwe muri Mpwemu Yera tuhasanga mu Vyakozwe n’Intumwa 10. Intumwa Petero yabwiwe n’Imana kuja kuvuga ubutumwa i Kayisariya mu b’inzu ya Korneliyo. Petero amaze guhishura yukw’agakiza karonkeka mu kwizera Yesu, abanyamahanga bari ngaho bamwumviriza baravyakira mu kwizera, maze Mpwemu Yera abazako:

Petero akivuga ayo majambo, Mpwemu Yera aramanuka, aza kubariko barumva iryo jambo bose. Abizeye bo mu bakebwe barumirwa, abazananye na Petero uko bangana, kuko n’abanyamahanga nabo basutswekw’ingabire, ari yo Mpwemu Yera. Kuko bumvise bavuga izindi ndimi, bahimbaza Imana. Maze Petero arabaza, “ati Mbega har’uwushobora kwima amazi abahawe Mpwemu Yera nkatwe, ngo ntibabatizwe?” Avuga ko babatizwa mw’izina rya Yesu Kristo (Ivyak. 10:44-48a).

Ngaha, umenga abari mu nzu ya Korneliyo, ari bo babaye abanyamahanga ba mbere bizera Yesu, bavutse ubwa kabiri baca babatizwa muri Mpwemu Yera buno nyene.

Twihweje ivyanditswe bikikuje uyo murongo hamwe n’igihe barimwo muri kahise, turatahura icatumye Imana itarindira ko Petero n’abaribamuherekeje barinda kurambika ibiganza ku b’i nzu ya Korneliyo kugira ngo bahabwe Mpwemu Yera. Petero n’abandi bayuda bari bafise ingorane zo kwemera kw’abanyamahanga bashobora gukizwa canke ngo bahabwe ingabire ya Mpwemu Yera! Birashoboka ko batari no gusengera ab’i nzu ya Korneliyo ngo bahabwe umubatizo wa Mpwemu Yera, nih’Imana yavyikorera mu bubasha bwayo. Imana yariko yigisha Petero n’abamuherekeje ku vyerekeye ubuntu bw’Imana butangaje ku banyamahanga.

Ni igiki cemeje Petero n’abamuherekeje kw’ab’inzu ya Korneliyo bahawe Mpwemu Yera? Luka yanditse ati, “ Kuko bumvise bavuga izindi ndimi” (Ivyak. 10:46). Petero yavuze kw’abo bahawe Mpwemu Yera nka bamwe ijana na mirongibiri ku musi wa Pentekote (raba 10:47).

Efeso (Ephesus)

Ahagatanu havuga ku bizera babatijwe muri Mpwemu Yera tuhasanga mu Vyakozwe n’intumwa 19. igihe yagendagenda muri Efeso, intumwa Paulo ihura na bamwe mu bigishwa arababaza: “Ati Mbega mwarahawe Mpwemu Yera igihe mwizera?” (Ivyak. 19:2).

Paulo, umuntu yanditse ivyete vyinshi vyo mw’isezerano Rishasha, yizera yuk’umuntu ashobora kwizera Yesu ariko ntabe araronka umubatizo wa Mpwemu Yera. Ahandi ho ntiyari kurinda kubaza kibazo nk’ico.

Abo bantu bishuye bavuga yuko batarigera bumva uwitwa Mpwemu Yera. Kanatsinda, bari barumvise ivyo kuza kwa Mesiya nkuko Yohana yabivuga, ari na we yababatije. Paulo yaciye ababatiza mu mazi ubugira kandi, ni ho rero babatizwa rukristo. Niho rero, Paulo yabarambikakw’ibiganza kugira ngo bahabwe Mpwemu Yera:

Bavyumvise babatizwa mw’izina ry’Umwami Yesu. Paulo amaze kubarambikakw’ibiganza, Mpwemu Yera abazako, bavuga izindi ndimi, bavugishwa n’Imana. Abo bose bar’abagabo nk’icumi na babiri (Ivyak. 19:5-7).

Ubugira kandi, biragaragara yuk’umubatizo wa Mpwemu Yera ukurikira ukuvuka ubwa kabiri, tutarinze no kuraba yukw’abo bagabo cumi na babiri bari bizeye canke batizera igihe bahura na Paulo. Kandi, ikimenyetso c’umubatizo wabo muri Mpwemu Yera cabaye kuvuga mu ndimi nsha (mbere aba baciye bavugishwa n’Imana).

Ingingo (The Verdict)

Reka dusuzume twa turorero dutanu. Tune muri two, twerekana yuk’umubatizo wa Mpwemu Yera uza umuntu amaze gukizwa.

Dutatu muri two, ivyanditswe vyerekana yukw’abantu bavuze mu zindi ndimi igihe baronse umubatizo wa Mpwemu Yera. Igihe Paulo yahura na Ananiya, umubatizo wiwe muri Mpwemu Yera ntuvugwa neza, ariko turazi ko yavuga mu ndimi zitamenyekana. Ako ni akarorero ka kane.

Mu karorero gasigaye, har’ikintu kidasanzwe cashitse igihe abizera b’i Samariya bahabwa Mpwemu Yera kubera yuko Simoni yagerageje kugura ubushobozi bwo gutanga Mpwemu Yera.

Rero biragaragara. Mw’ishengero rya mbere, abizera bavutse ubwa kabiri baronka ubuzima bushasha mu kubatizwa muri Mpwemu Yera, kand’iyo babatijwe, baravuga mu ndimi nsha. Ibi ntibishobora kudutangaza kuko Yesu yavuze yukw’abazokwizera izina ryiwe bazovuga indimi nsha.

Turafise ivyotuma tugira incamake rivuga yuk’uwumaze kuvuka ubwa kabiri wese ategerezwa kugendera mu nkomezi za Mpwemu Yera—ni ko kubatizwa muri Mpwemu Yera. Bitayeko, uwizera wese ategerezwa kwitega kuvuga indimi nsha igihe yakiriye umubatizo wa Mpwemu Yera.

Ingene Wokwakira Umubatizo wa Mpwemu Yera

(How to Receive the Baptism in the Holy Spirit)

Nk’izindi ngabiri zose z’Imana, Mpwemu Yera aronkeka mu kwizera (raba Gal. 3:5). Kugira ngw’agire ukwizera gutuma bikoreka, uwizera ategerezwa kumenya neza kw’ari ubugombe bw’Imana ko aronka umubatizo wa Mpwemu Yera. N’iyijijanya imitima canke agakekeranya, ntaco azoronka (raba Yakobo 1:6-7).

Nta mukristo n’umwe afise imvo zotuma atemera yukw’Imana ishaka ko ha ahabwa umubatizo wa Mpwemu Yera, kuko Yesu yerekanye ubugombe bw’Imana mu kuvuga ati:

None mwebwe, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye (Luka 11:13).

Iryo sezerano riva mu kanwa ka Yesu ritegerezwa kwemeza umwana w’Imana wese yukw’ar’ubugombe bw’Imana kubatizwa muri Mpwemu Yera.

Uyu murongo nyene ushigikira iciyumviro kivuga yuk’umuntu abatizwa muri Mpwemu Yera amaze kuvuka ubwa kabiri, kuko ngaha Yesu asezeranye abana b’Imana (abafise Imana nka “Se wo mw’ijuru”) ko Data zobaha Mpwemu Yera ni bamumusaba. Biragaragara, iyo Mpwemu Yera aba atuvyara ubwa kabiri gusa igihe dukijijwe, iryo sezerano rya Yesu nta kamaro ryari kuba rigifise. Si nk’abiga ivy’Imana bamwe bamwe, Yesu abona yuko bibereye cane k’umuntu amaze kuvuka ubwa kabiri asaba Imana kumuha Mpwemu Yera.

Dufatiye kuri Yesu, har’ibintu bibiri gusa uwushaka guhabwa Mpwemu Year asabwa. Ica mbere, Imana itegerezwa kuba So, kandi nikw’itegerezwa kwitwa igihe uvutse ubwa kabiri. Ica kabiri, utegerezwa kumusaba Mpwemu Yera.

N’aho kwakira Mpwemu Yera biciye mu kurambikwakw’ibiganza vyemewe n’ivyanditswe (raba Ivyak. 8:17; 19:6), menya kw’atari yo nzira yo nyene. Umukristo wese arashobora guhabwa Mpwemu Yera igihe yisengera ubwiwe. Akeneye gusaba, kwakira mu kwizera, no gutangura kuvuga izindi ndimi nkuko Mpwemu amushoboje.

Ubwoba Busanzwe (Common Fears)

Har’abantu batinya gusaba Mpwemu Yera biyumvira yuko, bashobora kuba bugururiye abadayimoni umuryango muri bo. Hamwe n’ivyo, ico ciyumviro nta rufatiro gifise. Yesu yaradusezeranye,

Kandi ni nde muri mwebwe w’umuvyeyi, umwana wiwe yo musaba umutsima, akamuha ibuye; canke yomusaba ifi, akamuha inzoka; canke yomusaba irigi, akamuha sikorupiyo? None mwebwe ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega so wo mw’ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye? (Luka 11:11-13).

Iyo dusaba guhabwa Mpwemu Yera, Imana iduha Mpwemu Yera, kandi ntidukwiye kugira ubwoba ngo twohava duhabwa ico tutasavye.

Har’abandi bagira impungenge ngo bohava bavugisha ururimi rw’ivyiyumviro vyabo rutari urwo bahawe na Mpwemu Yera. Ugerageje kwivugisha ururimi rutamenyekana, uzosanga bidashoboka. Tahura yukw’igihe wifuza kuvuga izindi ndimi, utegerezwa kubumbura akanwa, ururimi rugasohora amajambo. Mpwemu Yera ntashobora kuvuga mu kibanza cawe—Ico akora aragushoboza gusa. Ni umufasha wacu, si we akora. Utegerezwa kuvuga, nkuko Bibiliya ivyigisha:

Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuvuga (Ivyak. 2:4, hongeweko insobanuro).

Paulo amaze kubarambikakw’ibiganza, Mpwemu Yera abazako, bavuga izindi ndimi (Ivyak. 19:6, hongeweko insobanuro).

Uwizera amaze gusaba ingabire ya Mpwemu Yera, ategerezwa kwizera no kwitega kuvuga izindi ndimi. Kuko Mpwemu Yera yakirwa mu kwizera, ntutegerezwa kurindira gushika wumvise ubushuhe canke imbeho muri wewe. Utegerezwa kubumbura akanwa gusa ugatangura kuvuga indome Mpwemu Yera agahaye. Uwizera adatanguye kuvuga mu kwizera, Mpwemu Year ntashobora kugira ico agufashije. Utegerezwa kuvuga, Mpwemu na we akaguha ububasha bwo kuvuga.

Isoko ry’uko Gushobozwa (The Source of the Utterance)

Nkuko Paulo abivuga, igihe uwizera asenga mu ndimi zitamenyekana, ubwenge bwiwe si bwo busenga ahubwo ni impwemu yiwe:

Iyo nsenga mu rurimi rutamenyekana, impwemu yanje irasenga, arik’ubwenge bwanje buragumbaha. Nuko ngire nte? Nzosengesha impwemu yanje, ariko kandi nzosengesha n’ubwenge: nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n’ubwenge (1 Kor. 14:14-15).

Paulo yavuzekw’iyo asenga mu rurimi rutamenyekana, ubwenge bwiwe bugumbaha. Bisigura yuk’ubwenge bwiwe butagiramwo umugabane, kandi ntatahura ivyo asenga mur’urwo rurimi rutamenyekana. Ahubwo rero, hakw’asenga mu rurimi rutamenyekana igihe cose kandi adatahura ivyo asenga, Paulo yarafata akanya ko gusenga mu rurimi rwiwe. Yarafata akanya ko kuririmba mu ndimi hamwe n’akanya ko kuririmba mu rurimi rwiwe. Yaha ikibanza ubwo buryo bwompi bwo gusenga, kandi tubikurikije twoba tur’abanyabwenge.

Menya kandi ko Paulo, yavuga mu rurimi rutamenyekana canke mu rurimi rwiwe uk’ avyishakiye. Arauvuga ati, “Nzosengesha impwemu yanje, ariko kandi nzosengesha n’ubwenge.” Abanegura bavuga yukw’iyaba kuvuga ururimi rutamenyekana ari ingabire iva kuri Mpwemu, umuntu ntiyarigushobora kuyiganza, kuko kwoba ur’ukuganza Imana. Arikw’ico ciyumviro ntaho gifatiye. Indimi zitamenyekana zavugwa kera n’izivugwa ubu vyashiriweho kuganzwa n’abantu kukw’Imana arikoyateguye ko biba. Mbega abo banegura barashobora kuvuga yuko amaboko bafise atari rwabo kubera yuko bayaganza, kandi kuganza ico Imana iguhaye ari nk kuganza Imana.

Umaze kubatizwa muri Mpwemu Yera, urashobora gusuzuma ubwawe yukw’indimi zitamenyekana uvuga ziva mu mpwemu yawe canke mu bwenge bwawe. Ubwa mbere, gerageza uvugane n’umuntu igihe uriko urasoma iki gitabo. Usanga udashobora kubibangikanya. Uca utahura, ahubwo, yuko ushobora gushishikara kuvuga izindi ndimi kandi uriko urasoma uki gitabo. Iki bituma n’uko mu kuvuga izindi ndimi utaba udakoresha ubwenge bwawe—ukwo kuvuga kuva mu mpwemu yawe. Igihe ukoresha impwemu yawe mu gusenga, urashobora gukoresha ubwenge bwawe mu gusoma no gutahura ivyo usoma.

Ubu k’Umaze Kubatizwa muri Mpwemu Yera

(Now That You Are Baptized in the Holy Spirit)

Fata nka nkama igituma ngenderwako catumwe Imana iguha umubatizo wa Mpwemu Yera—ni kugushoboza kuba icabona ciwe, biciye mu kugaragaza icamwa n’ingabire za Mpwemu (raba 1 Kor. 12:4-11; Gal. 5:22-23). Mu kubaho ubuzima nk’ubwa Yesu no kwerekana urukundo rwiwe, umunezero, n’amahoro mw’isi, hamwe no kugaragaza ingabire za Mpwemu zidasanzwe, Imana izogukoresha kuzana abandi kuri yo. Ububasha bwo kuvuga izindi ndimi ni imwe mu “nzuzi z’ubugingo” zitegerezwa gutemba ziva muri twebwe.

Kandi wibuke yukw’Imana yaduhaye Mpwemu Yera adushoboze gushikira amahanga yose yo kw’isi n’ubutumwa bwiza (raba Ivyak. 1:8). Igihe tuvuga mu zindi ndimi, dutegerezwa kumenya yuk’ururimi dukoresha rushobora kuba rumwe mu ndimi zivugwa mu bwoko cank’igihugu runaka co kw’isi. Igihe cose dusenga mu zindi ndimi, dutegerezwa kwibuka kw’Imana ishaka yukw’abantu bose bo kw’isi bumva ivya Yesu. Dutegerezwa kubaza Imana ingene igomba ko dushitsa itegeko rikuru rya Yesu.

Kuvuga mu ndimi nsha ni gikorwa dutegerezwa kugira igihe cos ebidushobokera. Paulo, nk’inkomezi zo mu mpwemu, yanditse, “ Nshimira Imana yuko mbarusha mwese kuvuga mu ndimi zitamenyekana” (1 Kor. 14:18). Yandikiye ayo majambo ishengero ryavugishwa cane mu ndimi zitamenyekana (kenshi mu mwanya utari wo). Nuko, ategerezwa kuba yaravuga cane mu zindi ndimi kuruta ukw’abandi babigira. Gusenga mu rurimi rutamenyekana bituma tuguma mu bucuti budasanzwe na Mpwemu Yera, vyongeye bidufasha “gusenga ubudahumeka” nkuko Paulo yavigishije muri 1 Tesalonike 5:17.

Paulo yarigishije kandi yuko kuvuga mu zindi ndimi vyubaka uwizera (raba 1 Kor. 14:4). Bisigura ko twubakwa mu mpwemu. Mu gusenga mu zindi ndimi, turashobora, mu buryo bumwe kutabitahura, ariko bikomeza umuntu wacu w’imbere. Kuvuga mu zindi ndimi bituzanira ibikenewe kugira ng’ubugingo bw’uwizera bokomezwe ku musi ku musi atari mu kwuzuzwa rimwe gusa Mpwemu Yera.

Umaze kubatizwa muri Mpwemu Yera, ndagutera intege zo kugira akanya buri musi ko gusenga Imana mur’urwo rurimi rwawe rushasha. Bizokwagura no gukuza cane ubugingo bwawe bwo mu mpwemu.

Inyishu ku Bibazo Bikeye Tumenyereye

(Answers to a Few Common Questions)

Mbega turashobora kuvuga twemeza yukw’abizera batara vuga mu zindi ndimi batarabatizwa muri Mpwemu Yera? Jewe ubwanje, si ko ndabibona.

Nama ntera intege abantu ngo bitege kuvuga mu ndimi igihe ndabasengera ngo babatizwe muri Mpwemu Yera, kandi ibice 95 kw’ijana ni bo bavuga mu ndimi nsha mpejeje gusenga. Iyo misegonda bafata kugira ngo bavuge mu ndimi nsha ishobora kuba ibihumbi vy’abantu mu kiringo c’imyaka runaka.

Nsishobora kuvuga, hamwe n’ivyo, k’umuntu yasavye kubatizwa muri Mpwemu Yera arikw’ataravuga mu ndimi nsha yukw’atarabatizwa muri Mpwemu Yera, kubera yuk’umubatizo wa Mpwemu Yera uronkeka mu kwizera kandi kuvuga mu ndimi n’ivy’umuntu yishakira. Ahubwo, ndose akaryo ko kuvugana n’uwizera yasavye kubatizwa muri Mpwemu Yera gushika ubu ataravuga mu rurimi rutamenyekana, mbanza kumwereka ivyanditswe vyose bivuga ku ndimi zitamenyekana mu gitabo c’ivyakozwe n’intumwa. Nca ndamwereka ingene Paulo yavuze kw’aganza ukuvuga kwiwe mu zindi ndimi. Nka Paulo, ndashobora kuvuga mu ndimi igihe cose ndavyishakiye, rero ndashobora no gufata ingingo, ndavyishakiye, kutazokwigera mvuga izindi ndimi. Ko bimeze gurtyo rero, ndashobora kuva narabatijwe muri Mpwemu Yera ariko sinigere mvuga ururimi rutamenyekana kuko ntashaka kuvuga nkuko Mpwemu anshoboza.

Ubugira kandi, igihe ndose akaryo ko kuvuga n’uwizera yasavye kubatizwa muri Mpwemu Yera gushika n’ubu ataravuga izindi ndimi, sinshobora kumubwira (kandi nta ni vyo nizera) yukw’azoba atarabatizwa muri Mpwemu Yera. Nca ndamusobanurira ingene kuvuga izindi ndimi s’igikorwa Mpwemu Yera ashobora gukora tutishakiye. Nsobanura yuko Mpwemu Yera atubashisha kuvuga, ariko dutegerezwa kubumbura akanwa tukavuga, nka kumwe umuntu avuga mu rurimi rwiwe. Nca ntera intege uyo muntu yemerere Mpwemu Yera ace atangura kuvuga mu ndimi. Kenshi ata gukekeranye, bose baca bavuga mu ndimi nsha.

Mbega Paulo Ntiyanditse yuko Atari Bose Bavuga Izindi Ndimi?

(Didn’t Paul Write that Not All Speak with Tongues?)

Ikibazo ngereranyo ca Paulo, “Bose bavuga izindi ndimi?” (1 Kor. 12:30) inyishu ni “Oya,” bitegerezwa kwemeranya n’ibindi vyose biri mw’Isezerano Rishasha. Ikibazo ciwe kiri mu nyigisho yarikw’aratanga ku bijanye n’ingabire za Mpwemu, kuko umwe wese ahabwa uko Mpwemu avyishakiye (raba 1 Kor. 12:11). Paulo yariko yandika ku ngabire yo kuvuga “indimi zitandukanye” (1 Kor. 12:10) nkuko Paulo abivuga, itegerezwa guherekezwa n’ingabire yo gusobanura indimi. Iyi ngabiri siyo ab’i Korinto berekana mw’ishengero ryabo imisi yose, kuko bavugira hejuru mu ndimi zitamenyekana kand’ata muntu n’umwe ashobora kuzisobanura. Turashobora kubaza duti, Ni kuko Mpwemu Yera ashobora guha umuntu ingabire yo kuvuga izindi ndimi mu bandi ntatange ingabire zirusobanura? Inyishu ni Ntashobora kugira gurtyo. Ahubwo, Mpwemu Yera yaba arikw’akora ikitari mu bugombe bw’Imana.

Ab’i Korinto bategerezwa kuba bariko basengera hejuru mu zindi ndimi igihe bakoranye, badafise ingabire yo gusobanuro izo ndimi zitamenyekana. Rero, tubonye yuko kuvuga izindi ndimi bikoreshwa mu buryo bubiri butandukanye. Ubwa mbere ni gusenga mu rurimi rutamenyekana, ari vyo Paulo avuga yuko bigirirwa umuntu ari wenyene. Ubwo bwoko bwo kuvuga izindi ndimi ntasobanuro bugira, nkuko Paulo yavuze ati, “impwemu yanje irasenga, arik’ubwenge bwanje buragumbaha” (1 Kor. 14:14). Biragaragara, Paulo ntiyamenya ivy’arikw’aravuga igihe asenga mu rurimi rutamenyekana. Nta gutahura kwiwe kwabamwo; kandi ntasobanuro yabaho.

Kandi hariho, ubwoko bw’izindi ndimi bwagenewe gukorera mu makoraniro y’abera, ni bwo bwama buherekezwa n’ingabire yo gusobanura indimi zitamenyekana. Ivyo biba igihe Mpwemu Yera akorera mu muntu kanaka nkukw’avyishakiye, akamuha iyo ngabire. Uyu muntu avugira hejuru mw’ikoraniro, maze hagaca habaho insobanuro itanzwe. Imana, rero, ntikoresha abantu bose mur’ubwo buryo. Ni co gituma Paulo yanditse ko bose batavuga ururimi rutamenyekana. Si bose bakoreshwa n’Imana gurtyo, ingabire yo kuvuga ururimi rutamenyeka giturumbuka. Iyo ni yo nzira yo gufaniriza hamwe iki kibazo ca Paulo, “Bose bavuga izindi ndimi?” n’ibindi vyanditswe.

Nshobora kuvuga mu ndimi aho ndabishakiye hose, nka Paulo. Jewe canke Paulo ntidushobora kuvuga yukw’igihe tuvuga izindi ndimi ni ko “Mpwemu abaturongoye.” Tubigira aho dushakiye. Rero ikintu dukora aho dushakiye ntigishobora kuba ingabire yo kuvuga mu ndimi “nkuko Mpwemu ashatse.” Ikirengeye vyose, Paulo, nka nje, yavuga mu zindi ndimi ari wenyene n’aho adatahura ivyo arikwaravuga, rero iyo ntishobora kuba ingabire yo kuvuga izindi ndimi yanditse mu b’i Korinto ba 1, yavuze kw’itegerezwa guherekezwa n’ingabire yo gusobanura izindi ndimi.

Ni gake cane maze kuvugira hejuru ururimi rutamenyekana. Ndabigira igihe numva Mpwemu Yera agomba kuvugana n’ikoraniro, naho narigushobora (nkukw’ab’i korinto babikora) gusengera hejuru mu zindi ndimi aho nshakiye hose mw’ishengero kandi ata ngabire yo kuzisobanura ihari. Igihe cose numva Mpwemu Year agomba kuvuga na n’abiwe, hama hariho ingabire isobanura kugira ngo yubake umubiri wiwe.

Mu kurangiza, dutegerezwa gusobanura neza Bibiliya. Abavuga, kubera ikibazo Paulo yabajije mu b’i Korinto ba 1 igice ca 12:30, yukw’abizera bose badashobora kuvuga izindi ndimi, baba bibagiye ibindi vyanditswe vyinshi bitemeranya n’iyo nsobanuro yabo. Kubera ubwo buzimire, barahomvye umugisha mukuru Imana itanga.