Gutozwa Indero n’Imana (God’s Discipline)

Igice ca Miringwibiri na Gatanu (Chapter Twenty-Five)

Nuko mushire imitima kur’uyo yihanganiye ibihari bihambaye birtyo abanyavyaha bamuharirije, ntimucobogore, ntimudendebukirwe mu mitima yanyu. Ntimuragera ku kivishwa amaraso murwanya icaha, kandi mwibagiye rya jambo ribahubura ribahanura nk’abana, “ngo Mwana wanje, ntugaye igikangiro c’Uhoraho, kandi ntudendebukirwe ni yaguhana. Kuk’uwo Uhoraho akunda ari we akangira, kand’aramagura uwo yemera wese kw’ar’umwana wiwe.” Ico mukwiriye kwahanganira n’ugutozwa indero nziza. Imana ibagirira nk’abana bayo. N’umwana ki adakangirwa na se? Ariko namba mudakangirwa nk’ic’abandi bose bakorerwa, mur’ibivyarwa, ntimur’ubura bwayo. Kandi twari dufise ba data b’imibiri, baradukangira, natwe tukabubaha: none ntizorushiriza cane kugororokera Se w’impwemu tugahoraho? Kuko ba bandi badukangira imisi mike nk’uko bagomba, ariko we adukangira ikigira ikimazi kugira ngo dusangire na we ukwera kwiwe. Nta gikangiro kibonekako giteye umunezero ako kanya, atar’umubabaro, atar’umubabaro, ariko hacuma abamenyerejwe na co kibamira imbuto zizana amahoro no kugororoka. Nuko mugorore amaboko acitse urudendevu, n’amavi aregarega: kandi muharurire ibirenge vyanyu inzira zigororotse, kugira ngw’igihinyiza ntigikondoke, ariko gikire (Heb. 12:3-13).

Nk’uko tubwirwa n;uwavugutiwe kwandika igi gitabo ku Baheburayo, Data wo mw’ijuru akangira abana biwe. Tutemeye gukangirwa na we, bisigurako tutar’abana biwe. Nuko dutegerezwa kwemera no guca bugufi igihe adutoza indero. Bwamwe mu biyita abakristo, bashinzwe no kurondera imigisha n’ivyiza biva ku Mana, bavugakw’ibibabaza vyose biva kuri wa Mubi bagahakanakw’ata mubabaro n’umwe uva mw’ijuru. Ni ikosha rinini kukw’Imana ishobora kubikoresha ngo bitume umuntu yihana.

Abavyeyi beza bo kw’isi bakangira abana babo bizerako bituma baca ubwenge, bakura, no guhagarara neza mu buzima bw’abakuze. Uko nyene nikw’Imana idukangira bigatuma dukura mu mpwemu, tugashobora gukora neza igikorwa cayo, no gushobora guhagarara imbere y’intebe y’amateka yayo tudatinya. Idukangira kukw’idukunda, kandi kukw’ishaka ko dusangira ukwera kwayo. Data wo mw’ijuru yitwararika cane ugukura kwacu mu mpwemu. Ivyanditswe bivuga, ng’“Uwatanguye igikorwa ciza muri mwebwe azogiheraheza gushitsa ku musi wa Yesu Kristo” (Fil. 1:6).

Nta mwana anezerwa igihe abavyeyi bamukubise, n’igihe dutozwa indero n’Imana, “ntibiryoha, ahubwo birababaza,” nk’uko twavyisomeye. Kw’iherezo, dusanga twarahindutse cane kukw’igikangira kituzanira “icamwa c’amahoro no kugororoka.”

Ni ryari na Gute Imana Idukangira? (When and How Does God Discipline Us?)

Nk’umuvyeyi mwiza wese, Imana ikangira abana bayo igihe bayigararije gusa. Igihe cose tugararije Imana, tubatwishize mu gikangiro ciya. Hamwe n’ivyo, Umwami yuzuye ubuntu, yama aduha akanya ko kwihana. Kenshi igikangiro kiza igihe tubandinije kumugarariza ntitwumvire imburi zayo.

None Imana idukangira gute? Nk’uko twabibonye mu gice giheruka, igikangiro c’Imana gishobora kuza mw’ishusho ry’indwara, integenke, no gupfa giturumbuka:

Ni co gituma benshi muri mwebwe bagira intege nke, abandi bakagwaragurika, kand’abatari bake bakaba barapfuye. Arikw’iyo twimenye uko turi, ntidutsindwa n;urubanza. Arikw’iyo dutsinzwe n’urubanza duhanwa n’Umwami, kugira ngo ntituze dutsindwe n’urubanza rudashira hamwe n’ab’isi (1 Kor. 11:30-32).

Ariko ntidushobora kuvugakw’indwara zose ar’igikangiro c’Imana (raba nk’ivyashikiye Yobu). Igihe dutewe n’indwara, ni vyiza kwisuzuma mu mpwemu ko twoba twarugururiye umuryango igihano c’Imana kuko twanse kuyumvira.

Turashobora gukira urubanza rw’Imana iyo twisuzumye—bisigura, kwemera icaha twakoze no kucihana. Birumvikanako dushobora gusaba ugukira tumaze kwihana indwara Imana yaduhanishije.

Kuvyerekeye urubanza rw’Imana, Paulo yavuzeko tubadusimvye gutsindwa n’urubanza hamwe n’ab’isi. Bisigura iki? Ni co kimwe no kuvugakw’iyo twihanye bituma tudatererwa mu muriro hamwe n’ab’isi. Abiyumvirakw’atar’ukwihana gutuma umuntu aja mw’ijuru barashobora kutabitahura. Ariko kuri bamwe bumvise insiguro ya Yesu ku Musozi, bazikw’abumvira Imana gusa ari bo bazoja mu bwami bwayo (raba Mat. 7:21). Rero, igihe tubanda mu caha tukanka kucihana, turashobora no kubura ubugingo budashira. Imana ishimwe kukw’igikangiro cayo gituma twihana ntituje mu muriro!

Imana Ikoresha Satani mu Kuduhana (Satan as a Tool of God’s Judgment)

Ivyanditswe vyinshi bitwereka kw’Imana ishobora gukoresha Satana mu kudukangira. Akarorero, umugani w’umukozi adatanga imbabazi dusanga muri Matayo 18, Yesu yavuzeko shebuja wa wa mukozi “yarakaye cane” igihe yumvako wa mukozi yanse guharira uwar’amuheraniye. Bituma ashikiriza wa mukozi adaharira “abasoda gushika arishe ivyo yar’aheranye vyose” (Mat. 18:34). Yesu arangiza avuga avyeruye aya majambo:

Na Data wo mw’ijuru nikw’azobagirira, ni mutaharirana, umuntu wese ngw’aharire muginzi we bivuye mu mutima (Mat. 18:35).

“Abasoda” ni nde? Bagereranywa na wa mubi n’abadayimoni. Imana ishobora kureka umwe mu bana bayo atayumvira agaterwa n’abadayimoni ngo bitume yihana. Amagorwa n’ibigeragezo bituma abantu bihana—nka wa mwana w’icangazi (raba Luka 15:14-19).

Mw’Isezerano rya Kera, tubona uturorero twinshi Imana ikoresha Satani cank’impwemu mbi mu gukangira canke gucira urubanza abantu bakwiriye kurakarirwa na yo. Akarorero kamwe tugasanga mu gice c’icenda c’igitabo c’Abacamanza, aho dusoma kw’”Imana yarungitse impwemu mbi hagati ya Abimeleki na Shekemu” (Abac. 9:23) aho yabacira imanza kubw’ibibi bakoreye Abagideyoni.

Bibiliya iravuga kandi kw’“impwemu mbi irungitswe n’Uhoraho” yama ifata Umwami Sauli bwa gikange bitume yihana (1 Sam 16:14). Saulo ntiyarushe yihana, ni co catumye apfira mu rugamba.

Utu turorero twompi tubona mw’Isezerano rya Kera, ivyanditswe bivugakw ’ impwemu mbi “zarungikwa n’Uhoraho.” Ntibisigurakw’Imana ifise impwemu mbi mw’ijuru yama akoresha. Ahubwo, Imana yemerera impwemu mbi za Satani gukora ikibi gishingiwe akarimbi kugira ngw’abagararije Imana bababare bihane.

Izindi Nzira zo Gukangirwa n’Imana (Other Means of God’s Discipline)

Mw’Isezerano rya Kera, tubona Imana yahanisha abantu bayo amapfa canke kuganzwa n’ayandi mahanga. Kand’igihe bihanye yaca ibakura umwansi ku gakanu. Igihe banse kwihana imyaka igahera bari mu ntambara no kutumvira imburi, Imana yaca ibarekurira mu nyagano bakava mu gihugu cabo.

Mw’Isezerano Rishasha, Imana irashobora gukangira abana bayo mu kwemerakw’ivyago bibatera, cank’abansi bakabacunaguza. Akarorero, ivyanditswe bivuga kuva ku ntango y’iki gice ivyo gukangirwa n’Imana (Heb. 12:3-13) kukw’abizera mu Baheburayo bari mw’ihamwa kubwo kwizera kwabo. S’ubwoko bwose bw’ihamwa, butumwa no kutumvira. Ikintu cose gitegerezwa kwigwa ukwaco.

Kwemera Gukangirwa n’Imana (Rightly Reacting to God’s Discipline)

Dukurikije impanuro twahereyeko ku ntango z’iki gice, hari uburyo bubiri bwo gutahura igikangiro c’Imana. Turashobora “gusuzugura igikangira c’Umwami” canke “tugacika intege igihe aduhanye” (Heb. 12:5). Igihe “dusuzuguye” igihano c’Imana, bisigurako tucirengagije, canke tutaziko turiko turaburirwa. Gucika intege igihe Imana idukangira bisigura guheba kuyihimbara kuko twiyumvirakw’igihano yaduhaye kiturengeye. Vyompi si vyo. dutegerezwa kumenyakw’Imana idukunda, kandi kw’igihano ciwe kiza ku neza yacu. Igihe dutahuyekw’iduhana kukw’idukunda, duca twihana tugaharirwa.

Igihe twihanye, turatezurirwa. N’aho bimeze gurtyo, ntidushobora kwiyumvira kw’ ingaruka z’icaha twakoze tuzikira, n’aho dusaba imbabazi no gufashwa n’Imana. Imana ntiyirengagiza umutima uciye bugufi (raba Yesaya 66:2). Bibiliya isezerana k’ ” uburake bwiwe ar’ubw’akanya isase, arik’ubuntu bwiwe bwamaho igihe cose umuntu akiri, ukurira kworarira umuntu mw’ijoro, ariko mu gitondo impundu ziravuga” (Zab. 30:5).

Imaze guhana Abisirayeli, Imana ibasezeranya ngo:

Mbaye ndagutaye akanya gato, ariko nzokwiyegereza ngufitiye imbabazi nyinshi. Uburake bwaraziririnze, nguhisha inyonga zanje akanya gato, ariko nzokugirira imbabazi z’urukundo rutazoshira, ni jewe Uhoraho Umucunguzi wawe mbivuze (Yes. 54:7-8).

Imana ni nziza kandi ni nyabuntu!

Ushaka kumenya vyinshi ku gikangira c’Imana, raba 2 Ngom. 6:24-31, 36-39; 7:13-14; Zab. 73:14; 94:12-13; 106:40-46; 118:18; 119:67, 71; Yer. 2:29-30; 5:23-25; 14:12; 30:11; Hag. 1:2-13; 2:17; Ivyak. 5:1-11; Ivyah. 3:19.